MUZOGEZA RYARI KUBA BA NYAMUJIRANINO?

Igihe imvura yari yataze mu gihugu c’Israyeli kubera ivyaha vyabo, Abanyisiraeli bakomeje kwijijanya imitima bibaza niba nkumbure Bayali itobaha imvura kubera ko Imana ya basekuruza babo yasa n’iyabahevye.  » Maze Ahabu abonye Eliya, aramubarira, ati Mbega ni wewe n’ukuntu wateje amagorwa Abanyisrayeli? Nawe aramwishura ati: « Eka si jewe nateje amagorwa Abanyisrayeli, ariko ni wewe, mwe n’inzu ya so, mwayabateye, kuko mwaretse ivyagezwe vy’Uhoraho, mugakurikira za Bayali. Nuko rero n’umpamagarize Abisraeli bose, bakoranire ku musozi Karumeli, bo na ba kamenyi ba Bayali ukwari amajana ane na mirongw’itanu, na ba kamenyi ba Ashera barira ku meza ya Yezabeli ukw’ari amajana ane. Maze Ahabu atuma guhamagaza Abisrayeli bose, bo n’abo ba kamenyi, abakoraniriza ku musozi Karumeli. Nuko Eliya yegera abantu bose arababarira ati Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino, Asangwa Uhoraho ariwe Mana ni mumukurikire, naho nyene niyaba ari Bayali abe ariyo mukurikira. Abantu ntibamwishura ijambo na rimwe (1Abami 18: 17-21).Image result for mouvement oeucumenique

Abantu ntaco bari kuronka bishura, kuko bari bacitse ba ntambiyorweze. Barasenga Bayali kuko yari imana yo mw’idini ry’umwami n’umwamikazi wiwe, bagasaba Ashera kuko arico kigirwamana cakundwa n’umwamikazi, kandi bakabemeza ko imigisha n’intsinzi bizova mur’ivyo bigirwamana vyabo. « N’ukw’abayo mahanga batinya Uhoraho, bagatako bagasaba ibishushanyo vyabo vy’ibibazano, n’abana babo n’abuzukuru babo bakomeza kugenza gurtyo; uko basekuruza bagenza, nabo niko bagenza na bugingo n’ubu (2Abami 17: 41). Ivyo bintu ubu nivyo isi yose ikigenderamwo, ndetse na hano mu gihugu cacu c’Uburundi niko biri. Barasaba Imana Rurema, ariko kandi bagapfukamira n’imana z’inyamahanga n’ibishusho vyazo, bakazigirira n’imisi mikuru bazishingiye yo kurya no kunywa no kuzisenga. Ukw’abapfumu ba Bayali n’abapfumu ba Ashera bashobora guhurira hamee bakwumvikana mu kuvugishwa ibinyoma, n’uwu musi abavugishwa b’ibinyoma barahurira mu butegetsi bumwe, bagashira ku ruhande ibibatandukanya, bagashira imbere ibibahuza, kugira ngo inyungu zabo ntizibacike. Nico bita inama mpuzamashengero. « Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino, Asangwa Uhoraho ariwe Mana ni mumukurikire, naho nyene niyaba ari Bayali abe ariyo mukurikira »(1Abami 18: 21).

None mu gihugu kimwe, vyoshoboka ko musaba Imana yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo ikaruhuka ku musi w’indwi, hanyuma mukayitera umugongo mukaja gusenga imana z’inyamahanga zisengwa ku musi w’izuba ariwo dimanche? Ubutumwa bugira buti  » maze mbona ku rugi rw’urusengero rw’Uhoraho abantu bashika kuri mirongw’ibiri na batanu bateye ibitugu urusengero rw’Uhoraho berekeje amaso i burasirazuba, kandi bariko barasenga izuba, batumbereye iyo rirasira(Ezekiyeli 8: 16). Ariko mur’iki gihe, baratubwira ngo vyose ni kimwe, ngo abaruhuka isabato y’Uhoraho n’abaruhuka kuri dimanche ngo bose baseng’Iman’imwe? Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino, Asangwa Uhoraho ariwe Mana ni mumukurikire, naho nyene niyaba ari Bayali abe ariyo mukurikira (1Abami 18: 21).

Uko kuvanga ibidahuye ngo turabe ko twobana amahoro na bene wacu mu kinyoma, nivyo bizodukwegera akarambaraye, kandi bitume na Satani agira inguvu zo guha abantu inzozi no kwerekwa ibintu vyinshi no gukora ibitangaza, kugira bumve ko bari mu kuri, kandi bumve ko bakomeye mu gakiza. Ariko  » dusubire ku vyagezwe no kuri vya bishingantahe! Ni batavuga ibihwanye na vyo bazoba mu bwirantibuce (Yesaya 8: 20). Nayo ubwami bwa Satani bwo bwadushayemwo ku mugaragaro, kubera ukutagondwa kwacu, kuko twifitiye inyungu z’isi twihitiyemwo. « Ukuza kw’uwo mugarariji kuri mu buryo bw’inkomezi za Satani, kuri n’ubushobozi bwose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma, n’ubugunge bwose bwo kugabitanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivyo ukuri ngo bakizwe. Ni co gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma: kugira ngo abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya, batsindwe n’urubanza (2Abatesalonike 2: 9-12).

Ariko se »  »Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino, Asangwa Uhoraho ariwe Mana ni mumukurikire, naho nyene niyaba ari Bayali abe ariyo mukurikira »(1Abami 18: 21), mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : Non classé |le 17 octobre, 2017 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire