IVYOKURYA VYO MU GITONDO (169)

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (169) Ubutumwa bwiza bwanditswe na Luka (108)
Ni nde muri mwebwe agomba kwubaka umunara w’amatafari muremure, ntiyobanza kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yowubaka, ngo amenye yuko afise ayowuheraheza? Ngo kumbure yoba ahejeje kwubaka amatafari y’intango, ntashobore kuwuzuza; ababibonye bose bagatangura kumutwenga bavuga ko uwu yatanguye kwubaka, ntashobora kwuzuza.  » Canke hari umwami yoba agiye guhura n’uwundi ngo barwane, ntiyobanza kwicara, akaja inama, ko yoshobora kujana ingabo ibihumbi icumi guhwana ni uwumuteye ari n’ingabo ibihumbi mirongo ibiri? Bisanzwe atari ko biri, wa wundi akiri kure cane, amutumako intumwa, akamubaza indishi yomuha ngo babane amahoro (Luka 14: 28-32).
Image result for elevation d'un mur
Haraho urigera wibaza uburemere bw’amasezerano wagiriraniye n’Umukiza wawe? Nico tugiye kurabira hamwe mur’iki cigisho. Muri kumwe n’umunyavyaha yagiriwe ubuntu nkamwe, akaba na mwene So musangiye intambara yo kwizera no kwihangana mur’ibi bihe bibi vy’iherezo: Balthasar Miburo
Nkuko gutangura kwubaka inzu nziza bisaba kugira ibiharuro kugira ngo tumenye ko amahera dufise azokwira neza mu bikorwa vy’ubwubatsi, niko no kuraganira Yesu ko tugiye kwinjira mu ngabo ziwe, bidusaba kuvyibazako incuro zibiri, tukemera ko tutabishoboye, tukamwemerera akaba ariwe abidushoboza. “Ni wasezerana isezerano ku Mana ntutebe kurishitsa. kw’idahimbarwa n’ibipfu: ushitse ico wasezeranye. Wopfuma utagira ico hako usezerana ntushitse. Ntukundire akanwa kawe gucumuza umubiri wawe, kandi ntuze uvugire imbere y’umumarayika yuko kwabaye ugucorokwa; none Imana irinde kurakazwa n’ijwi ryawe kuki…?(Umusiguzi 5: 4-6). Ni nde muri mwebwe agomba kwubaka umunara w’amatafari muremure, ntiyobanza kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yowubaka, ngo amenye yuko afise ayowuheraheza? Ngo kumbure yoba ahejeje kwubaka amatafari y’intango, ntashobore kuwuzuza; ababibonye bose bagatangura kumutwenga bavuga ko uwu yatanguye kwubaka, ntashobora kwuzuza. Ibaze nawe, gutangura igikorwa kikakunanira kurangiza (Luka 14: 28-30)
Yesu adusaba ko mu gikorwa c’Imana tugomba gutangura ivyo tuzi ko tubona ko tuzorangura kugira, ngo ntitwihe amenyo y’abatwenzi. “N’umutego ku muntu gupfa gutuntumukana ikintu, akavuga ngo n’icera, maze ahejeje kwishira mw’isezerano, agatangura kwicuza (Imigani 20: 25).
Abandi barigisha abantu, mukanya bakabata, bagasubira mu vya kera vyabo, abari babizeye bagaca basanzara. None iyo uyoboye abandi mu rusengero, canke ukiyerekana muri bo nk’intumwa y’Imana, ariko hashize imisi ukabata mu nzira ugasubira mu vyawe, canke ugatangura guhakana ivyo wari warabigishize, burya urazi uburemere bw’ icaha uba ukoze? Kandi uwuzokwakira akana kamwe nk’aka mw’izina ryanje azoba anyakiriye. Ariko uwuzotsitaza n’umwe muri abo bato banyizera, icoroshe ni uko bomubohera urusyo ruremereye kw’izosi, akadobezwa mu kuzimu mu kiyaga. Isi izobona ibara ku bwo ibitsitaza, kuko ivyo bitsitaza bitazobura kuza, ariko uwo muntu azana igitsitaza azobona ibara (Matayo 18: 5-7)
Canke hari umwami yoba agiye guhura n’uwundi ngo barwane, ntiyobanza kwicara, akaja inama, ko yoshobora kujana ingabo ibihumbi icumi guhwana ni uwumuteye ari n’ingabo ibihumbi mirongo ibiri? Bisanzwe atari ko biri, wa wundi akiri kure cane, amutumako intumwa, akamubaza indishi yomuha ngo babane amahoro (Luka 14: 31-32). Ivyoba vyiza n’uko twokora ibihwanye n’uburyo dufise, tukemera ivyo dushoboye kurangura, kuko kwiyemeza ibirengeye ubushobozi bwacu, bishobora kudushira mu mutego. Gushaka kwitwa umuyobozi, canke kwisuka mu bikorwa vy’Imana utazobishobora, ni bibi cane. Wopfuma wibera umwigishwa asanzwe. Umwami Dawidi yaririmvye ati : “Uhoraho, umutima wanje ntiwibona, kand’amaso yanje ntiyishira hejuru, kandi sinita muvyo ntagezwemwo, canke mu bitangaza bindengeye” (Zaburi 131: 1)
Mu buzima bwa misi yose, umwigishwa nyawe wa Kristu ibi akwiye kuvyibuka: Kwamiza umutima mu kirere, wipfuza kuba mu nzu imeze nk’iy’umubanyi wawe, gushaka kwambara nk’abakire, gushaka kurya nk’uko wabonye barya mu rundi rugo, gushaka kwicara aho utagenewe, ivyo hamwe n’ibindi bisa n’ivyo, nivyo biriko birasenya ubuzima bw’abahungu n’abakobwa b’Imana, ingo nyinshi zigasambuka, amashirahamwe menshi akugara bavuga ngo barahomvye, n’ibihugu mbere bigatabagara, kubera ugushaka ibiturengeye tutabifitiye ubushobozi. “Umuntu naho yovyara abana ijana, akaramba imyaka myinshi, yamara umutima wiwe ntuhazwe n’ivyiza,… kubwanje arutwa n’inda yakorotse (Umusiguzi 6: 3).
Ariko kwubaha Imana gufatanije no kubumbwa n’ivyo ufise kuvamwo inyungu nyinshi koko. Kuko ata co twazanye mw’isi kandi ata co dushobora kuyivanamwo. Ariko iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambara biba bitubumvye. Ariko abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura.Kuko gukunda amahera ari imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bitobekeranisha imibabaro myinshi (1Timoteyo 6: 6-10).
Igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, ni mwihane mwemere ubutumwa bwiza (Mariko 1: 15); mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
Publié dans : Non classé |le 5 juin, 2017 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire