IVYOKURYA VYO MU GITONDO (165)

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (165) Ubutumwa bwiza bwanditswe na Luka(104)

 
MBESE IYO MUVUYE KU RUSENGERO MUHORA MUTUMIRA BENE DATA NGO MUFUNGURIRE HAMWE?
Kandi acira umugani abatumiwe, abonye ingene batanguranwa ivyicaro vy’icubahiro; arababwira ati: « Umuntu ni yagutorera ubukwe, ntuzokwicare mu cicaro c’abakuru; ngo kumbure ntihabeho umuntu akurusha icubahiro yatowe, kandi uwabatoye mwempi akaza akakubwira ati: « Ni ubise uwu ahicare. Ni ho uzomaramara, ukagenda, ukicara inyuma y’abandi bose. Ariko ni watumirwa, ugende, wicare inyuma y’abandi bose, kugira ngo uwagutoye aje, akubwire ati: « Igira ino haruguru mugenzi; ni ho uzobona icubahiro imbere y’abo mwicaranye musangira bose. » Kuko umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwicisha bugufi azoshirwa hejuru (Luka 14: 7-11).
 Image result for repas afrique
Mbega iyo muvuye ku rusengero kw’isabato, muhora mutumirana ngo musangire umunezero mufungurira ku meza amwe canke mukicara ku kirago kimwe musangira akabisi n’agahiye na bene Data? Muri kino cigisho, muri kumwe n’umunyavyaha yagiriw’ubuntu nkamwe, akaba na mwene So musangiye intambara yo kwizera no kwihangana mur’ibi bihe bibi vy’iherezo: Balthasar Miburo
Ni waba warakurikiye icigisho giheruka, uca ubona ko ubu butumire Yesu yabwitavye kw’isabato. Ntibwabereye mu bantu batazi Imana, bwabereye mu rugo rw’umufarisayo. Kuko Abafarisayo bubahiriza amategeko, ndetse bagacunga n’abayarenga, muca mwumva ko vyose vyari vyateguwe isabato itaratangura. Nico gituma Yesu yahinjiye. N’icigisho ciza kitwereka ko gutumirana tugafungurira hamwe tuvuye gusenga, ko ar’umuco mwiza, kuko raba na Yesu arawushigikiye. Yinjiye mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarisayo kw’isabato kurya, baramugenza (Luka 14: 1).
Twarabonye ko yinjiye aho hantu, azi ko baza kumugerageza, ariko we akahabona umusaruro w’imitima. Hariho amahirwe menshi yo kugarura bene Data canke abanyamahanga, mu gihe mwicaye ku kirago kimwe, mugasangira ivyabonetse. Si kw’isabato gusa, aho hose ubonye abantu bagutumiye, n’uko baba bakuzi ko ur’umuntu ukwiye ubutumire koko mur’urwo rubanza. Nawe rero ntugende ur’uwo kurya no kunywa imitobe gusa, “ Kuko ubwami bw’Imana atari ukurya n’ukunywa, ariko ni ukugororoka, amahoro n’umunezero vyo muri Mpwemu Yera. Uwukorera Kristo atyo, ahimbara Imana, kandi n’abantu baramwemera (Abaroma 14: 17-18).
Kandi acira umugani abatumiwe, abonye ingene batanguranwa ivyicaro vy’icubahiro; arababwira ati: « Umuntu ni yagutorera ubukwe, ntuzokwicare mu cicaro c’abakuru; ngo kumbure ntihabeho umuntu akurusha icubahiro yatowe, kandi uwabatoye mwempi akaza akakubwira ati: « Ni ubise uwu ahicare. Ni ho uzomaramara, ukagenda, ukicara inyuma y’abandi bose (Luka 14: 7-9). Uko tuzobandanya twiga ivy’ubu butumire, uzobona ko Yesu yabwitavye, kugira ngo aronke uko na We abaha ubutumire bwo gusangira na We mu bwami bwo mw’ijuru. Nivyo yabwiye Nikodemu ngo : “ Ko nababwiye ivyo kw’ isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababwira ivyo ijuru”? (Yohani 3: 12). Turafise uburyo bwinshi bwo kwifashisha ibibera ngaha mw’isi, kugira ngo tubashe kwerekana urukundo rw’Imana. “ Kuko ivyo umuntu yomenya vy’Imana vyerekanwa muri bo, Imana ari yo yabiberetse. Mbere kuva isi ikiremwa ivyo Imana bitunganye bitabonwa n’amaso ari vyo bushobozi bwayo budashira be n’ubumana bwayo, biragaragara; bimenyekanishwa kuko bibonekera mu vyo yaremye, kugira ngo ntibagire ico bireguza (Abaroma 1: 19-20)
Abantu benshi bihaye ivyubahiro bidahabwa n’ijambo ry’Imana, abandi bigira abavugishwa, abandi bagenda biruka imbere ya Kristu ngo araje vuba kandi batamwituguriye, bamwe bagashinga n’amatariki yo kuduga mw’ijuru, abandi ngo bashaka gusohora abantu mw’ishengero ngo bagiye kubagorora, abandi bigira abahinga muvyo kumenya iby’Imana kubera amashule bize, gushika naho ubutumwa bwiza babuhindura uko butari, bakavuga ivyo butavuze! “ Natangajwe ni uko muriko murareka vuba mutyo Iyabahamagaye ku bw’ ubuntu bwa Kristo, mukemera ubutumwa bunyuranye n’ubwo, kandi ata bundi buriho; ariko hariho abantu babahagarika imitima, bakagomba guhindura ukundi ubutumwa bwa Kristo. Ariko naho yoba ari twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubwo twababariye, arakavumwa. Nk’uko twavuze ubwa mbere, n’ubu nongeye kubivuga ko ni hagira umuntu ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubwo mwemeye, arakavumwa. Mbega ubu n’ishimwe ry’ abantu ngomba, canke ni iryo Imana? Canke se ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, simba ndi umukozi wa Kristo. Ku vyo ubutumwa navuze, ndabamenyesha, bene Data, yuko atari ubwo abantu. Kuko nanje ntabuhawe n’umuntu, kandi sinabwigishijwe, ariko ni Yesu Kristo yabumpishuriye (Abagatiya1: 6-12)
Ibi tumaze kuvuga, nivyo bisobanura iri jambo ngo : “ « Umuntu ni yagutorera ubukwe, ntuzokwicare mu cicaro c’abakuru; ngo kumbure ntihabeho umuntu akurusha icubahiro yatowe, kandi uwabatoye mwempi akaza akakubwira ati: « Ni ubise uwu ahicare. Ni ho uzomaramara, ukagenda, ukicara inyuma y’abandi bose (Luka 14: 7-9). Nkumbure abazemerwa gutaha ubukwe bw’Umwagazi w’Intama, boba bari muri mwebwe mutazwi, kandi mutitwa ba “apotres, ba pasiteri, ba padiri, ba Bishop aribo bepiskopi, mukaba mutari abavugishwa canke abigisha b’ivyamamare, ndetse mukaba mudafise n’umwanya n’umwe mwahawe mu bikorwa vy’ishengero. “ Ariko Imana yatoranije ibipfu vyo mw’isi, ngo imaramaze abanyabwenge; kandi yatoranije ibinyantege nke vyo mw’isi ngo imaramaze ibikomeye, kandi n’ivyoroshe vyo mw’isi, n’ibikengerwa, mbere n’ibitariho, Imana yarabitoranije ngo ititure ibiriho; kugira ngo ntihagire umuntu yirata imbere y’Imana. Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubwenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa; kugira ngo bibe nk’uko handitswe hati: « Uwirata, yirate Uhoraho. » (1Abakorinto 1: 27-31)
Ariko ni watumirwa, ugende, wicare inyuma y’abandi bose, kugira ngo uwagutoye aje, akubwire ati: « Igira ino haruguru mugenzi; ni ho uzobona icubahiro imbere y’abo mwicaranye musangira bose. » Kuko umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwicisha bugufi azoshirwa hejuru. (Luka 14: 10-11). Wewe n’ukore igikorwa nk’uko Kristo yakiguhaye, ureke abashaka ivyubahiro, icangombwa n’uko womenya gusa ko ufise ubutumire mu bwami bwa Data. Erega “uku nikwo Umwami Uhoraho agize, ati: “ Kura umugara, wiyambure n’urugori ku mutwe, kuko ibintu bigiye guhinduka. Icari hasi kizoshirwa hejuru, kandi icari hejuru kizosubizwa hasi (Ezekiyeli 21: 26). Mur’ubwo butumire twahawe bwo mu bwami bwa Data, ibintu bizohinduka: “Kuko umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwicisha bugufi azoshirwa hejuru” (Luka 14: 10-11).
Hari ibintu bitatu bizodutangaza tugeze mu bwami bw’ijuru rero: Icambere n’uko abo twiyumvira ngo tuzohurirayo, ntitutuzobabonayo. Icakabiri n’uko abo twiyumvira ngo ntibazoshikayo, aribo tuzohurirayo. Icagatatu n’uko jewe ubwanje nzibona mpagazeyo.”Aho niho muzosubira kumenya ko hari itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’uwukorera Imana n’uwutayikorera (Malaki 3: 18). Muyandi majambo hazoboneka itandukaniro ry’abakozi b’Imana n’abatari abakozi b’Imana.
“Igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, ni mwihane, mwemere ubutumwa bwiza (Mariko 1: 15). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

 

Publié dans : Non classé |le 1 juin, 2017 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire