IVYOKURYA VYO MU GITONDO (162).

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (162) Ubutumwa bwiza bwanditswe na Luka (101)
Image result for je me tiens a la porte et je frappe
Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije (Ivyahishuwe 3: 20)
WEWE KO UVUGA NGO URAZI YESU, UBWO YESU ARAKUZI?
Ari mu nzira, ahita mu bisagara no mu mihana, yigisha, ari ku rugendo aja i Yerusalemu. Umuntu aramubaza ati: « Mugenzi, mbega abakizwa ni bake? » Na we arababarira24ati: « Mushishikare guca mw’irembo ripfunganye. Ndababwira yuko benshi bazogomba kuricamwo, ntibabishobore. » Nyene inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, muvuga muti Mupfasoni n’utwugururire. Ni ho azovuga ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye. Ni ho muzotangura kuvuga ko mwarira, mwanywera imbere yiwe kandi yigishiriza mu nzira z’i wanyu. Azobabwira ati: « Ndababwire, sinzi iyo muvuye; mviraho, mwebwe mwese mwabakora ibizira mwe. » Aho ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo, aho muzobonera Aburahamu, Isaka, Yakobo n’abavugishwa n’Imana bose bari mu bwami bw’Imana, namwe muhindiwe hanze. Hazoza abava mu buseruko, mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, bazokwicara mu bwami bw’Imana. Kandi hari abo inyuma bazoba abo imbere, n’abo imbere bazoba abo inyuma (Luka 13: 22-30)
Wewe uvuga ko uzi Yesu, ubwo Yesu arakuzi koko? Mur’iki cigisho muri kumwe n’umunyavyaha yagiriw’ubuntu nkamwe, akaba na mwene So musangiye intambara yo kwizera no kwihangana mur’ibi bihe vy’iherezo: Balthasar Miburo
Ari mu nzira, ahita mu bisagara no mu mihana, yigisha, ari ku rugendo aja i Yerusalemu. Uru rugendo nirwo rwa nyuma Yesu yagize aja i Yerusaremu, yarurangirije ku musaraba i Gologota, inyuma y’igisagara c’i Yerusaremu. Aho niho yabambwe, azira ukuntu wewe na jewe twica amategeko y’Imana, nivyo twita ibicumuro, canke ivyaha. “ Ni co catumye na Yesu ababarizwa inyuma y’irembo, kugira ngo yezeshe abantu amaraso yawe. Nuko tuve muri ayo mahema, tumusange inyuma yayo, twiremetse ugucokorwa kwiwe (Abaheburayo 13: 12-13)
Umuntu aramubaza ati: « Mugenzi, mbega abakizwa ni bake? » Na we arababarira ati: « Mushishikare guca mw’irembo ripfunganye. Ndababwira yuko benshi bazogomba kuricamwo, ntibabishobore (Luka 13: 23-24). Uwu muntu yabajije iki kibazo, asa naho nawe nyene atizera ko azokizwa. Igisubizo Yesu yamuhaye, kirerekana ko yamuteye intege zo kwinjira mu bategerezwa gushishikara kwinjira mw’irembo rifunganye. Dukwiye kuva muvyo abantu bavuga, tugafata igihe gikwiye co kwumvira ijwi rya Yesu, naho vyosaba ko dukurwa mu kazi canke mw’ishule, mbere n’ubwo vyosaba ko twicwa. “ Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakangira; nuko gira umwete, wihane. Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura umwango, ndinjira i we, dusangire. Uwunesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubwami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe. Uwuri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. » (Ivyahishuwe 3: 19-22)
Kuko igihe gishobora kuturengana tudashoboye kuryinjiramwo. Ntirizokwama ripfunguye. Kandi n’ubu naho ripfunguye, kuryinjiramwo bisaba ubutwari duhabwa n’ukwizera kuva mu nkomezi zo mu maraso ya Yesu yamenetse ku musaraba i Gologota. “ Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kandi igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose. Tuvuze yuko ata caha twakoze, tuba tuyigize umubeshi, kandi n’ijambo ryayo riba ritari muri twebwe. Bana banje bato, ndabandikiye ivyo kugira ngo ntimukore icaha. Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi, kandi uwo ni we ndishi y’ivyaha vyacu, mugabo si iyo ivyacu twenyene, ariko ni iyo ivyo abari mw’isi bose (1Yohani 1: 9-2: 1-2)
Nyene inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, muvuga muti Mupfasoni n’utwugururire. Ni ho azovuga ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye. Ni ho muzotangura kuvuga ko mwarira, mwanywera imbere yiwe kandi yigishiriza mu nzira z’i wanyu (Luka 13: 25-27). Iri jambo ngo Mupfasoni, ntaco ripfana na ca kirundi c’iki gihe kivuga ko umupfasoni ar’umukenyezi. Nta wuzi aho ico kirundi co mur’iyi misi cavuye, ariko kuva kera, umupfasoni yaba ar’umuntu yubashwe w’umunyacubahiro. Yesu rero yerekanye ko bazoha Imana icubahiro bitagishoboka kw’Imana ibemera. Nico umuhanuzi yavuze ngo “Bazojana ubusho intama n’inka zabo baja kurondera Uhoraho, ariko ntibazomubona! Azoba yitandukanije nabo (Hoseya 5: 6). Nico gituma dukwiye gushikama mu buntu bw’Imana, kugira ngo ntitumere “ nka Esawu, yagurishije ivyo kuba samuragwa kwiwe ingaburo imwe. 17Kuko muzi yuko hanyuma, hamwe yagomba kuragwa umugisha, atemerewe, kuko atabonye uburyo bwo kwihana, naho yawurondera cane arira” Abaheburayo 12: 16-17).
Hari benshi bitwaza ngo barabatijwe, ngo n’abana babo bose barabatijwe, bakavuga amasengero bubatse, amatafari yo kwubaka insengero n’amazu y’ishengero bubatse, abandi bakishimira ko bari muri Chorales, n’ibindi vyinshi, ariko bakanka kwumvira ubutumwa bwiza bwo mu Vyanditswe kubera umunyenga wo mw’ishengero wabaryoheye.”Ni ho muzotangura kuvuga ko mwarira, mwanywera imbere yiwe kandi yigishiriza mu nzira z’i wanyu” Luka 13: 26).
Kwigisha Ivyanditswe ntaco bipfana no kwigisha idini. Kandi kumenya ivy’idini, ntaco bipfana no kumenya Ivyanditswe Vyera, no kwandikwa mu gitabo c’idini, ntaco bipfana no kwandikwa mu gitabo co mw’ijuru. Iyo umuntu yamaze kuba ingaruzwamuheto y’idini, iyo umweretse Ivyanditswe Vyera aca atangura kuvuga ngo idini ntirizojana umuntu mw’ijuru. Ivyo kenshi barabivuga mu gihe ata n’idini umuvugabutumwa yigeze acisha mu kanwa. Ah’ubwo Satani akorera muri bo, aba yumvise ko inkingi z’urusengero rwiwe zitanguye kunyiganyiga. Niwe yivugira muribo ngo “ Idini ntirizojana umuntu mw’ijuru. Ariko aho naho nyene Satani azohatsindirwa. Kuko niba idini ndimwo canke iryo wewe urimwo ritazotujana mw’ijuru, none kuki turijamwo, tukariha amahera yacu, n’inguvu zacu, n’umwanya wacu? Nuko nk’uko mwakiriye Kristo Yesu Umwami wacu, mube ari ko mugendera muri we, mumushinzemwo imizi, mumwubakwamwo, mushikamishijwe n’ukwizera nk’uko mwigishijwe, murushiriza gushima. Mwirinde, ntihakagire uwubagira imbohe, abanyagishije ubwenge bw’abantu ari ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw’isi, bidakurikira Kristo (Abakolosayi 2: 6-8)
Iryo dini ritazojana abantu mw’ijuru, Yesu ntari muri ryo, n’ukurijamwo n’uguta umwanya. Abari mw’idini rya Yesu bose rizobana mw’ijuru kuko Yesu ari muri ryo, kandi “ Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Idini ry’Imana ryamyeho hagati y’amadini y’abahakanyi. Nico Ivyanditswe Vyera bivuga ngo “Maze abantu benshi bo mu mahanga yo mur’ico gihugu, batora idini y’Abayuda (Esiteri 8: 17). Muze natwe tuvuge ubutumwa, tubeho nk’abantu b’Imana, tureke Yesu atwigishe ukugira neza kwiwe, mu kwumviriza ingorane z’abo tubana, no kubafasha no kubihebera, nkuko Kristu yabigenza. “ Idini itunganye itagira agasembwa imbere y’Imana Data wa twese, ni ukuraba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivyo isi” (Yakobo 1: 27)
Azobabwira ati: « Ndababwire, sinzi iyo muvuye; mviraho, mwebwe mwese mwabakora ibizira mwe. » Aho ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo, aho muzobonera Aburahamu, Isaka, Yakobo n’abavugishwa n’Imana bose bari mu bwami bw’Imana, namwe muhindiwe hanze. Hazoza abava mu buseruko, mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, bazokwicara mu bwami bw’Imana.Kandi hari abo inyuma bazoba abo imbere, n’abo imbere bazoba abo inyuma (Luka 13: 22-30). Benshi bazotangazwa no kubona ko bari barabeshwe, aho kugwana intambara yo muri Mpwemu ngo bayoborwe n’Ijambo ry’Imana, bakayoborwa n’idini ry’ibinyoma gusa. Bakishimira ibitangaro no kuvugishwa, ntibumve ko na Satani ashoboye gukors ivyo bitangaza no kuvugisha abavugishwa biwe! “ Kuko izo ari impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw’isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana Ishobora vyose (Ivyahishuwe 16: 14). Dusubire ku vyagezwe no kuri vya Bishingantahe! Ni batavuga ibihwanye navyo bazoba mu bgirantibuce (Yesaya 8: 20).
Igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, ni mwihane mwemere ubutumwa bwiza (Mariko 1: 15); mwizina ryera rya Yesu. Amen.
Publié dans : Non classé |le 28 mai, 2017 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire