MURIRINDA IMBWA…

MWIRINDE ZA MBWA…
Image result for dog eating meat
MWIRINDE ZA MBWA, MWIRINDE ZA NKOZI Z’IBIBI, MWIRINDE BAMWE BIKEBAGURA (Abafilipi 3: 2)

Hariho imirongo dusoma muri Bibliya, ukamenga ntiyahumetswe n’Imana, kuko imeze nk’ibitutsi, canke ukamenga Mpwemu Yera yari yashavuye igihe yavugisha abakozi biwe. Uwu murongo uravyerekana ngo “Mwirinde za mbwa”… Umuvugabutumwa yotinyuka akavuga uwu musi ngo abantu n’imbwa, naho boba ar’abasambanyi, canke abarozi n’abicanyi, uwo muvugabutumwa yogira ingorane mu b’iki gihe.

Ariko Mpwemu Yera, agize imisi atwereka ko hariho abapasitori bameze nk’imbwa zitazi gukuga. Twarize mu misi ishize ngo : “Abashibamyi biwe n’impumyi, ntaco bazi, bose ni nk’imbwa z’ibiyingiyingi, zitazi gukuga, bararavuta, bararyama, bakunda gusinzira. Mbere ni nk’imbwa z’ibigunya zitigera zihaga, kand’abameze bartyo n’abungere (Yesaya 56: 10-11)
Bibliya iravuga rwose ko icatumye abo bakozi babi Mpwemu Yera abita imbwa, kw’ar’ukubera ko yabahaye umuti wo kudahwa canke kuruka ishano bariye muri Babuloni y’ivyaha no mu gipagani kibakikije, ariko baranka basubira ku vyo bari badashwe. “Icobaye ciza kuri bo, iyaba batigeze kumenya inzira yo kugororoka, hako basubira inyuma, bamaze kuyimenya, bagata icagezwe cera bahawe. Ivyabashitseko ni ivyo uwu mugani w’ukuri ngo imbwa isubiye ku vyo idashwe; kandi, ngo ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu vyondo (2Petero 2: 21-22).
Niho rero Mpwemu abitegereje, abona ukuntu bakunda kurya ibitaribwa mu mazu yabo no ku misi mikuru bizaniye, ukuntu bamusezeraniye ko ata yindi mana bazomubangikanya, ariko ifaranga, icubahiro, ukugaragara neza imbere y’ab’isi, nivyo bisigaye bibaraza bataryamye, kuruta uko bitwararika intama z’Imana, noneho Mpwemu ati “ Nkukw’imbwa isubira kuvyo idashwe, nikw’igipfu gisubira ku bupfu bwaco (Imigani 26: 11).
Uhoraho yerekanye mur’iyi misi ya nyuma ko ibikoko bihumanye; hirya no hino kw’isi baravuga ingwara zifata ibitungwa n’ibiguruka, bigatuma abariye inyama zavyo bagwara ingwara mbi z’uburyo bwinshi, zishobora no ku bica. Ariko abungere ntibatinya kurya ivyo bintu, ntibashahaka no kuburira intama. Hariho umuvumo uri ku gihugu kubera abo bungere batinya kuvugisha ukuri kubera inda zabo. http://www.dailymotion.com/video/xm… (Fyonda urabe iyo video niba wumva igifransa iragusobanurira vyose)
Nkumbure wobona barya ivyo bintu, bakavyibuha, bagakomera ukibaza ngo n’amahoro. Oya, “Imana ntiyiciraho” (2Samweli 14: 14). Ubutumwa bwiza buravuga ngo “Ntubice, abantu banje boye kwibagira; ubasabagirishe ubushobozi bwawe ubacishe bugufi, Mwami nkizo idukingira. Amajambo yo mu minwa yabo, niyo gicumuro c’akanwa kabo. Ubwibone bwabo bubafate nk’umutego, bo n’imivumo n’ibinyoma bavuga. Babandi baze batahe ku mugoroba bagwangware nk’imbwa, bagendure igisagara. Bahunahuna hose barondera inyama, nibatahaga bakeshe ijoro. Ariko jeho nzoririmba inkomezi zawe, mbere mu gitondo nzoririmba imbabazi zawe n’ijwi rirenga (Zaburi 59: 11-12, 14-16)
Nagerageje gushigikiza ubu butumwa imirongo yo mu Vyanditswe Vyera kugira ngo wumve ko amajambo y’Imana acumita mu mutima nk’inkota, kandi akababaza nk’inkambi zikanda mugisebe. Kukw’ariyo ikomeretsa kandi ikaba ariyo isomora, irakubita, kand’amaboko yayo akaba ariyo akanda ahababaye. “ Kuko ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubushobozi, rifise ubugi buruta ubwo inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokoro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira (Yobu 5: 18, Abaheburayo 4: 12).
S’umugambi w’Imana ko abamaze kumenya ukuri kw’iki gihe babandanya kwitereka inkono z’inyama nkuko vyari muri Egiputa. Abari baramogojwe n’inyama zo muri Egiputa, basavye ngo Uhoraho abahe inyama bageze mu bugaragwa “ibarekurira inyama zingana n’umukungugu… Nuko bararya barahimba, yabahaye ivyo bipfuje. Batari bwatandukane n’ukwipfuza kwabo, ivyokurya vyabo bikiri mu kanwa kabo, ishavu ry’Imana ribakurira hasi, ryica abagabo bakomeye bo muri bo, ritsinda hasi imikangara yo mu Bisirayeli. (Zaburi 78: 27, 29-31). Iyi zaburi yerekanye neza ko kurya inyama biva mu kwipfuza kw’abantu atari mu cipfuzo c’Imana. Nico iri jambo rivuga ngo “ yabahaye ivyo bipfuje. Batari bwatandukane n’ukwipfuza kwabo, ivyokurya vyabo bikiri mu kanwa kabo”…
Kurya inyama n’umuvumo ukomoka mu caha cakozwe na Adamu na Heva muri Edeni, nico gituma inyama zatanguye kuribwa inyuma y’umwuzure, kugira ngo zigabanye imyaka yo kuramba kw’abantu. Gereranya imyaka y’umukurambere wacu mu kwizera yitwa Mutushela, n’imyaka yacu mur’iki gihe uca wumva akaga turimwo. “ Imisi yose Metushela yamaze, yabaye imyaka 969; araheza arapfa (Itanguriro 5: 31). Uwu mugabo nta nyama yariye, ndetse na se wiwe ntazo yariye. Se wa Metusela, yar’afise ukwizera gukomeye mu Mana. Bibliya imushingira intahe ngo ” Ukwizera ni kwo kwatumye Henoki ajanwa mw’ijuru, ngo ntabone urupfu, kandi ntiyaboneka, kuko Imana yamujanye. Kuko yashingiwe intahe atarajanwa yuko yahimbaye Imana” (Abaheburayo 11: 5).
Kuko imbere y’umwuzure, naho habaye abanyavyaha, hariho ubwoko bw’Imana bwitoranirijwe kubw’ubuntu. Ubwo bwoko nibwo Uhoraho ashaka gutandukanya n’imbwa, mur’ibi bihe vy’iherezo. “ Inyuma hazoba imbwa, abarozi, abashurashuzi, abicanyi, abasenga ibigirwamana n’umuntu wese akunda kubesha akabikora” (Ivyahishuwe 22: 15). Abica abantu sibo bicanyi gusa, n’abica ibikoko, n’abicanyi, kuko navyo bikwiye gukingirwa, kuko navyo vyaracunguwe nka twebwe. “ Kuko ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw’abana b’Imana biguhahamiye cane. Kuko ivyaremwe vyagezwe kuganzwa n’ibitagira ikimazi, kandi si vyo vyavyigombeye, ariko vyagizwe n’Iyageze ko biganzwa bityo, kugira ngo vyizigire yuko na vyo bizocungurwa ngo ntibibe ibihumbwa vyo kubora, bizohabwa ukwidegemvya, gufatana n’ubwiza bw’abana b’ Imana. Kuko tuzi yuko ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu. Kandi si co gusa, ariko natwe abafise ku vyeze ubwa mbere vya Mpwemu, natwe nyene tunihira mu mitima yacu, twiteze gucika abana b’Imana, ni kwo gucungurwa kw’imibiri yacu (Abaroma 8: 19-23).
Imana ikirema umuntu yamuzimanye ivyokurya vyiza bitagira inyama, kuko nta rupfu rwari bwaseruke kw’isi. Ariko uwu musi, inyama ziboneka kuko hariho urupfu rw’ikiremwa rwabaye. Itegeko ryo ntirihinduka rivuga ngo “ Ntukice” (Kuvayo 20: 13). Iri tegeko ntirivuga ubwoko bw’ivyo tutemerewe kwica, ar’abantu canke ibikoko, rivuga gusa ngo ntiwice. Ukwica ukw’arikwo kwose n’icaha. Niba vyarabaye imbere y’urupfu rwa Kristu, intambara zikaba, abantu bakicana, ibikoko bikicwa, n’ukuri, ababandanya iyo ngendo nyuma y’urupfu rwa Kristu, bose bazobona ibara. Twebwe twahawe umuco uruta uwo basogokuru bari bafise. “ Uwahawe vyinshi wese azobazwa vyinshi; uwabikijwe vyinshi ni we bazorushiriza kwaka vyinshi (Luka 12: 47).
Ubutumwa twikoreye ku bitugu, butangura buvuga ngo “Ehe ndabahaye ivyatsi vyose vyama utubuto biri kw’isi yose, n’igiti cose cama ivyamwa birimwo imbuto zavyo: bibabere ivyokurya vyanyu. Kandi n’ibikoko vyose vyo kw’isi, n’ibiguruka mu kirere vyose, n’ivyikwega hasi vyose birimwo ubugingo, mbihaye ivyatsi bitotahaye ngo bibibere ivyokurya vyavyo (Itanguriro 1: 29-30). Ibi vyokurya nivyo Adamu na Heva barariye ku mugoroba mu gutangura isabato, kuko yaciye itangura. “ Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo vyose yakoze, iruhuka ku musi ugira indwi, ibikorwa vyayo vyose yakoze. Nukw’Imana ihezagira uwo musi w’indwi iraweza: kukw’ariwo yaruhukiyekw’ibikorwa vyayo vyose, ivyo yaremye kandi yakoze (Itanguriro : 2: 2-3). None uwu musi mu gutangura isabato, uza kurarira ivyokurya bimeze bite? Ni waba ubonye iki cigisho hagati mu ndwi, wumva isabato igiye kuza uzoyitangura wariye ibimeze gute?
Ubutumwa rero busozera buvuga kandi ngo “ Harahiriwe abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwegera ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa (Ivyahishuwe 22: 14). Iri jambo ngo “ imvune” n’ikirundi ca kera, gisobanura “ amakanzo”. Ikindi, mu ndimi nyinshi, uwu murongo uvuga ngo “ Harahiriwe abakomeza amatego y’Imana, kugira ngo babone kwegera ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa”. Iki giti c’ubugingo nta muntu ary’inyama yokiryako, kuko na Adamu amaze gucumura ntiyasubiriye kukiryako. Nivyo ubutumwa buvuga ngo “ Uhoraho Imana aravuga ngo “Eh’ uyu muntu ahindutse nk’imwe yo muri twebwe ku vyo kumenya iciza n’ikibi, none rero yohava atuma ukuboko akamura no no ku giti c’ubugingo, akarya, akazokwamaho ibihe bidashira. ”Nico catumye Uhoraho Imana amukura muri iryo tongo ryo muri Edeni, ngw’aje kurima ivu yakuwemwo. Nuko yirukana uwo muntu… (Itanguriro 3: 22-24)
Mwirinde rero ubutumwa bubemerera kurya no kunywa vyose, kuko “ Vyose ndavyemererwa, ariko si vyose bingirira ikimazi. Vyose ndavyemererwa, ariko sinzoganzwa n’ikintu na kimwe. (1Abakorinto 6: 12). Vyose ntibihumanya koko, ariko, uwo muntu arya ibimutsitaza, azobona ibara. Ni ciza kutarya inyama, canke kutanywa umuvinyu … (Abaroma 14: 20-21). Twavuze ko hariho ingwara ziterwa no kurya inyama, nico gituma mukwiye kwibuka ibi: “ Mbega ntimuzi yuko muri urusengero rw’Imana, kandi ko Mpwemu w’Imana mubana? Umuntu ni yonona urusengero rw’Imana, Imana izomurandura; kuko urusengero rw’Imana ari urwera, kandi urwo rusengero ni mwebwe” (1Abakorinto 3: 16-17)
War’uzi ko gukunda inyama bihindura umutima w’umuntu agacika nk’ingwe mu gihe abonye ibimushavuza canke mu gihe ubugizi bwa nabi bwiyongereye mu gihugu? Hariho n’ubudasa hagati y’ibikoko birya inyama n’ibitazirya. Hariho inyungu nyinshi ku bihana inyama, kuko naho bigora, iyo twihanye birashoboka “ Mukundwa, ndagusengera ngo umererwe neza muri vyose, uhore uhangamye, nk’uko ubugingo bwawe bumerewe neza ” Ingaburo y’imboga irimwo urukundo, iruta inyama y’inka inuze zirimwo urwanko (3Yohani : 2, Imigani 15: 17). Ibi nivyo Daniyeli yabwiwe na Mpwemu Yera, yirinda kurya inyama zari kuzana urwanko hagati yiwe n’Imana, avuga ati “ Ndakwinginze twebwe abasavyi bawe imisi cumi baduhe indya z’insoromano, abe arizo turya, n’amazi yo kunywa, uheze witegereze mu maso hacu no mu maso h’abasore barya ku vyokurya vy’umwami…”(Daniyeli 1: 12-13)
MWIRINDE ZA MBWA, MWIRINDE ZA NKOZI Z’IBIBI, MWIRINDE BAMWE BIKEBAGURA (Abafilipi 3: 2). Ntibivuze ko abarya inyama ar’imbwa, ariko Bibliya yerekana ko kurya inyama bigabanura umwete mu vyo gushaka ukuri kw’Imana, gushika naho umuntu asubira mu vyo yahevye. Kurya inyama bizoteba biboneke rwose nk’umuvumo, nivyo ubutumwa bwasemereye ngo “ Babandi baze batahe ku mugoroba bagwangware nk’imbwa, bagendure igisagara. Bahunahuna hose barondera inyama, nibatahaga bakeshe ijoro. Ariko jeho nzoririmba inkomezi zawe, mbere mu gitondo nzoririmba imbabazi zawe n’ijwi rirenga (Zaburi 59: 11-12, 14-16) Mbe war’uzi ko gukunda inyama bitera kugira ubwoba imbere y’ibigeragezo? “ Kandi kubwo kwugarizwa no gusugerezwa, abansi banyu bazoba babasugereje, muzoruhira kurya uruvyaro mwivyariye, murya abana banyu b’abahungu n’abakobwa, abo Uhoraho Imana yanyu azoba yarabahaye (Gusubira mu Vyagezwe 28: 53). Mbega ushaka kuba ku ruhande rw’abazeye ubukomezi bwabo kw’Uhoraho, bakazinduka baririmba imbabazi ziwe n’ijwi rirenga? Canke ushaka kuba mu ruhande rwa ba bandi bazera inkomezi mu nyama, bakariririmbira Imana ar’uko bahaze?
Ubutumwa bwiza nkubu ntibutahurwa na bose, ariko Uhoraho azobibatahuza, kuko “, mur’ubwoko bwera bwarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu, yabatoranije mu mahanga yose yo mw’isi ngo mube ubwoko yiharije. Icatumye Uhoraho abakunda, akabatoranya, s’uko mwarusha ayandi mahanga yose ubwinshi, mbere mwar’ubusa hanyuma y’ayandi yose. Ariko n’uko Uhoraho abakunda… (Gusubira mu Vyagezwe 7: 6-7), mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
Publié dans : Non classé |le 27 mai, 2017 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire