IVYOKURYA VYO MU GITONDO (59)

IVYORYA VYO MU GITONDO (59)
NI WABA UR’UMWANA W’IMANA (5)
Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mur’iyi si. Yari mw’isi kandi isi yaremwe nawe, arikw’isi ntiyamumenya; yaje mu vyiwe ariko abiwe ntibamwakiriye. Ariko abamwakiriye bose yabahaye ububasha bwo gucika abana b’Imana, nibo bizeye izina ryiwe, nibo batavyawe n’amaraso, canke n’ukwipfuza kw’umubiri, canke n’ukwipfuza kw’umugabo, ariko bavyawe n’Imana (Yohani 1: 9-13).Image result for private prayer
Iki nico cigisho kirangije ivyigisho vyose twabonye bivuga ibigeragezo vya Yesu mu bugaragwa. Satani yabwiye Yesu ngo : “ Ni waba ur’Umwana w’Imana…” Imutegera ku nda kuko yabona ashonje, Yesu ayitsindsha Ijambo ry’Imana. Imugerageresha poritike n’ubutunzi, Yesu naho nyene ayitsindisha ijambo ry’Imana. Imugerageresha amanyama y’ubusore ngo yiterere hasi, Yesu arayirukana. Iramucunga, imutegera mu rupfu rwo ku musaraba, Yesu arayinesha. Uwo Yesu tuvuga yatsinze Satani, “abamwakiriye bose yabahaye ububasha bwo gucika abana b’Imana, nibo bizeye izina ryiwe” (Yohani 1: 12).
Satani ntazogutinya ngo n’uko wahisemwo kwizera Yesu yatsinze. Na wewe azogushira imbere y’ivyokurya n’ibinyobwa bihumanye n’ibidahumanye, akubwire ngo “ Ni waba ur’umwana w’Imana fata kur’ibi bintu urye, kuko handitswe ngo “ic’Imana yaremye cose ni ciza, ntiharimwo ico gutabwa iyo cakiriwe n’uwushima (1Timoteyo 4: 4). Uramubwira uti: “Vyose ndavyemererwa ariko vyose ntibingirira ikimazi. Vyose ndavyemererwa, ariko sinzoganzwa n’ikintu na kimwe (1Abakorinto 6: 12). Azogutega ushonje, akwereke ivyokurya n’inzoga, uramubwira uti: “abaganzwa na kameremere y’umubiri bitwararika ivy’umubiri, abaganzwa n’impwemu bitwararika ivy’impwemu. Kwitwararika ivy’umubiri kuzana urupfu, kwitwarararika ivy’impwemu bizana ubugingo n’amahoro (Abaroma 8: 5-6). Satani azogutuma ab’i wanyu canke incuti n’abagenzi, ngo bakujane mu bukwe bwabo canke mu misi mikuru, aho barya bakanywa bakimara ishavu. “Ntuze winjire mu nzu yabo y’amazimano ngo wicarane nabo, usangire nabo. Ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni, ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu no kunywera ku gikombe c’abadayimoni. Ntuze ubemerere naho bokubwira amajambo meza (Yeremiya 16: 8, 1Abakorinto 10: 21, Yeremiya 12: 6). Wewe uri mw’isi ariko ntur’uw’isi, kuko n’Umwami wawe atar’uw’isi (Yohani 17: 16)
Satani azokugerageresha poritike, n’ubutunzi bw’amahera, no kugaragara neza imbere y’abandi bahungu, canke imbere y’abandi bakobwa. Azokwereka umuntu canke uruhande utegerezwa kugwanira, bibaye ngombwa ugapfa. Ati: Handitswe ngo: “Ewe wa musore, nezererwa ubusore bwawe (Umusiguzi 12: 1), ati na Daniyeli yar’umunyaporitike, n’ibindi. Ubwire Satani uti: Ubwami bwanje s’ubwa hano. Ariko namba mufise ishari ry’inkazi mu mitima yanyu, mugakunda kwirema ibice, mwoye kwirata, mubesha, mucumura ku kuri. Ubwo bwenge sibwo bwururuka buvuye mw’ijuru, ariko n’ubw’isi, n’ubw’abantu, n’ubw’abadayimoni. Kukw’ah’ishari riri bo no kwirema ibice, ariho umuvurungano uri n’igikorwa kibi cose (Yohani 18: 36; Yakobo 3: 14-16). Daniyeli na Dawidi nibo Satani akunda kwitwaza. Abo bari babihawe n’Imana kubera umugambi w’agakiza kayo. Bitabaye uko Satani ashaka, azokwereka ko abahawe umuhamagaro wo kuganza ibihugu ko utagomba kububaha, yitwaje bimwe vyiwe vy’uburenganzira mur’ibi na biriya, umubwire uti : “Umuntu wese n’agamburukire abaganza kuko ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwazanywe n’Imana (Abaroma 13: 1). Mu gihe umutegetsi atavuga ibiteye kubiri n’Imana, utegerezwa kumwubaha (Abaroma 13: 1-7, urahasoma).
Satani azokwereka amahera n’amazu meza, amamodoka n’amatongo, ngo ukunde uve mu kwizera Yesu wifadikanye n’abatagira agakiza mu bugingo bwabo, uramubwira uti : “Iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambara ivyo biba bitubumvye. Ariko abagomba kuba abatunzi, bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwipfuza kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona, bikabarandura. Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose (1Timoteyo 6: 8-10).
Satani azokwereka inzira z’icaha zituma uronka igitenge ciza utiriwe uraruha. Akwereke uburyo uzogendera muri za Carina na za Nissan utiriwe uraruha, n’ibindi vyinshi. Uramubwira ko “iyi si iriko irashirana n’ivyipfuzo vyayo, ariko uwukora ivy’Iman’ishaka yamaho ibihe bidashira (1Yohani 2: 17)
Azokudugana ku gatwe ku rusengero nka Yesu, ati ni waba wahawe ubushobozi bwo gucika umwana w’Imana, genda ugire sports gurtya baguhe amashi menshi n’imidari y’ishimwe, nawe umenyekane, kuko handitswe ngo : muzokwama mur’abo hejuru ntimuzoba abo hasi (Gusubira mu Vyagezwe 28: 13), Uramubwira uti: “Umwagazi yishwe kubw’ibicumuro vyanje, niwe akwiriye guhabwa ububasha, n’ubutunzi n’ubwenge n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha. (Ivyahishuwe 5: 12). Ati ni wiyambure abantu babone ubwiza bwawe, utambe, usimbe ugire sports, baguhe amashi. Ntumwemerere: “Amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntahaga ivyaha, basukasuka imitima idashikamye, bafise imitima yamogoreye kwipfuza inyungu, nibo bana b’ibivume (2Petero 2: 14).
Abizera Imana vy’ukuri bagiye kumenyekana, Abazoba bananiye Satani ku buryo bwose no mu bigeragezo vyinshi tutiriwe twandika, Satani azobagerageresha ca kimenyetso ciwe c’igikoko/c’inyamaswa. Bazotegekwa gukoresha amaboko yabo kw’isabato. Ni bavyemera bazoba bacumuje amaboko yabo, babe baronse ikimenyetso c’igikoko ku kiganza c’i buryo. Bazoja mu ruhande rw’abafise ibitekerezo bivuga ko dimanche ariyo sabato y’abakrisitu n’abanyamahanga bose, aho abantu bategekwa kwumvira abantu nkabo gusumba Imana. Ukwo nikwo gufata ikimenyetso c’igikoko ku ruhanga rwawe. Menya neza ko amategeko y’Imana nkubwira s’ayo kwanjwanjwako; “ Ivyo bize bibe nk’ikimenyetso gishizwe ku maboko yanyu, kandi nk’ibishizwe mu ruhanga, hagati y’amaso yanyu (Kuvayo 13: 16), kuko Uhoraho yadukuje muri Egiputa y’ivyaha amaraso y’igiciro y’Umwana wiwe, Yesu-Kristo.
Mu kurangiza iki cigisho, nagomba ndabamenyeshe ko hariho ibintu bine Satani akoresha mur’iyi misi ya nyuma kugira ngo aduce intege, Ni 1/ Amahera, 2/Abagabo n’abasore abahendesha abagore beza n’inkumi nziza, abakobwa nabo abereka imisore idasanzwe ifise inkanya z’amahera, 3/ Amatongo nayo n’ikigeragezo ku buryo Satani atwibagiza vyose abantu bakicana bakankana kubera amatongo. 4/ Inzoga n’ibiyovyabwenge vy’uburyo bwose, Satani arabikoresha kugirango yifatire mu ntoke imibiri n’imitima y’abahungu n’abakobwa b’Imana. N’uko rero “Imana Nyen’amahoro ibe ariyo ibeza rwose, kandi impwemu zanyu, n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, aho Umwami wacu Yesu-Kristu azozira. Mukurikirane kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuko uwutejejwe atazoraba Umwami ( 1Abatesalonika 5: 23, Abaheburayo 12: 14).
Nuko, “igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, ni mwihane mwemere ubutumwa bwiza (Mariko 1: 15), mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
Publié dans : Non classé |le 4 mai, 2017 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire