Archive pour le 7 novembre, 2016

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (19)

HABAKUKI ATI: « UKO VYOGENDA KWOSE, NZONEZERERWA UHORAHO »

Nah’umusukoni utoshurika, canke imizabibu ngw’igire ico yama, n’icimburo c’imyelayo kikabura, n’imirima ntiyere indya, n’umukuku ukabura mu ruhongore, ntihabe hakigira n’inka mu rugo, naho nyene jewe nzonezererwa Uhoraho, mpimbarwe n’Imana y’agakiza kanje  (Habakuki 3: 17-18) 

Image result for pauvre

Habakuki agerageje kutwereka ibintu vyari bifise agaciro cane mu gihe ciwe.N’ibintu abantu bo mur’ico gihe bamiza ku mutima, ariko umuntu w’Imana Habakuki we, ngo yar’afise ukundi abibona. Bisa n’uko mur’iki gihe twovuga tuti: Naho ibitoke vyanje vyoreka kwama, naho ikawa zanje zoreka gushurika, canke ibiharage vyanje bikarumbira mu murima, naho n’imyumbati yoreka kwera, naho n’umuceri worumba, naho diplome yanje boyitabura no mu kazi bakanyirukana, no mw’ishule bakanyirukana, n’imodoka yanje bakayinyaka,  naho nyene jewe nzonezererwa Uhoraho, mpimbarwe n’Imana y’agakiza kanje  (Habakuki 3:18)

Ng’uko uko Habakuki atwereka uko dukwiye kwitwara mu bigeragezo bikomeye. « Mwame munezererwa mu Mwami wacu, ndabivuze ubugira kabiri, ni munezerwe. Ubugwaneza bwanyu bumenywe n’abantu bose: Umwami wacu ari  hafi. Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose, ivyo mugomba, bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana arut’uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristu-Yesu (Abafilipi 4: 4-7)

Ntimugakund’isi canke ibiri mw’isi. Umuntu ni yakund’isi, ugukunda Data wa twese ntikuba kukiri muri we. Kukw’ikiri mw’isi cose ar’ivyipfuzo vvy’umubiri, n’ivyipfuzo vy’amaso, n’ubgibone bw’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw’isi. Kandi isi iriko irashirana n’ivyipfuzo vyayo, ariko uwukora ivy’Iman’igomba yamaho ibihe bidashira. (1Yohana 2: 15-17). Mw’izina ryera ya Yesu. Amen

 

 

 

Publié dans:Non classé |on 7 novembre, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire