UBUHANUZI BW’IMYAKA 2300 MU GITABO CA DANIYELI

 

UBUHANUZI BWA DANIYELI  

 Maze numva uwera avuga, kandi uwundi mu bera abaza umwe yabanza kuvuga ati “Bizogeza ryari ivyerekanywe vy’ikimazi cahora gitangwa n’ivy’igicumuro kizanye ubugesera, gitumye ahantu hera n’ingabo bitangwa?”Aranyishura ati “Buzokwira buce,  iminsi ibihumbi bibiri na majana atatu niho ahantu hera hazobona guhumanurwa” (Daniyeli 8: 13-14)

Image result for bibiliya Yera

Imbere yo kwiga ubu buhanuzi, nashaka kubabwira ko  » umusi uzohwana n’umwaka » (Guharura 14: 34, na Ezekiyeli 4: 6)

 Muri Daniyeli 9: 25-27, Luka 3: 23, Ivyakozwe n’intumwa 13: 46, hatubwira ivy’ukuntu dushobora gutangura guharura imisi ibihumbi biri n’amajan’atatu. Igitabo c’Ivyahishuwe naco kikaduha ibindi bisobanuro, kugirango tubitahure neza.

Itegeko ryo kwubaka Yerusaremu mu mwaka wa -457

mu gihe c’umwami Kuro

amayinga 7= imisi 49=imyaka 49_____ 

amayinga 62=imisi 62×7=imisi 434=imyaka 434____________________

½ c’iyinga= imisi 3 1/2 =imyaka 3 1/2___

1/2 c’iyinga=imisi 3 1/2=imyaka 3 1/2___

imisi 49+imisi 434+ imisi 3 1/2s+1imisi 3 1/2s= imisi 490= imyaka 490

 Mu ntanguriro z’iyi myaka 3 1/2 niho Yesu yabatijwe mu mwaka wa 27 wo muri iyiu myaka yacu

Yigishije iyo myaka 3 1/2, aca aradupfira ku musaraba (Daniyeli 9: 27)

Hashize iyindi myaka 3 1/2, niho Urupfu rwa Stefano Uwera, n’ugukingwa kw’umuryango w’imbabazi ku Bayuda, niho vyapfundikira neza iyi myaka 490. Ubutumwa buhindukirira abapagani (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 46)

Reka dushake noneho ukuntu tugera kuri ya misi 2300, ariyo myaka 2300.

Ubwo Yesu yatangiraga kwigisha yari amaze imyaka nka mirongo itatu avutse (Luka 3: 23).

Yar’amaze imyaka 30 ariko ico gihe hari mu mwaka wa 27 mur’iyi myaka yacu nkuko amateka abivuga.

Iyi myaka 27, ntihura n’imyaka Luka yatubwiye, nico gituma, tuvuga ko Yesu yavutse mu mwaka wa -3. Ariko bitewe n’uko umwaka wa 0 (zero) utabaho, duca tuwongera ko, tukawita -4.

N’ukuvuga ko ubu tugeze ku mwaka wa 2020, ariko ko mu vy’ukuri n’uwa 2019, kuko umwaka wa 0 ntiwabayeho. Ibi ni bimwe twiga mu mashule (les nombres negatives et les nombres positifs: ,-3, -2, -1, , 0, +1, +2, +3, n’ibindi. Ngirango urabona ko udapfa kuva kuri -1 ngo usimbire kuri +1 udaciye kuri zero. Mu guharura imyaka rero, uwu mwaka wa 0 (zero) ntubaho. Iyo ufashe 2020 -4, uca usanga tugeze mu mwaka wa 2016, ariko Yesu amaze imyaka 2019 avutse. Ntitwovuga ko amaze 2020 avutse, kuko umwaka wa 0 twerekanye ko utabaho.

Twaharuye dushika ku myaka 490, igihe Stefano yapfa, n »Abayuda bakikunkumura ubutumwa bwiza, hasigaye kubona ukuntu dushika ku myaka 2300 nkuko Daniyeli yabivuze.

Haburamwo ingahe: 2300-490=1810

Duharuye neza kuva ku rupfu rwa Stefano no kwanka ubutumwa kw’Abayuda muri 34 nyuma ya Yesu, tukongeraho iyo myaka 1810 iburako duca dusanga, imyaka 2300, igera mu mwaka w’1844.

Dusoma mu bitabo vya Mpwemu w’Ubuhanuzi ngo  » Hanyuma y’ibyo mbona umumarayika wundi amanuka avuye mw’ ijuru afise ubutware  buhambaye isi ibonesherezwa n’ubwiza bwiwe. Arasemerera n’ijwi rirenga, ati; Kirakomomvotse, kirakomvomvotse Babuloni, ca gisagara gihambaye ! gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisiga  bihumanya byankwa vyose. Numva irindi jwi rivugira mu ijuru riti: « Bantu banjye, nimuve iwe,  kugira ngo mwoye gufadikanya n’ivyaha  vyiwe mwoye guhabwa  ku vyago vyiwe ». « Ubwo butumwa bwatangajwe  ubwa mbere mu ci ry’umwaka w’1844 (Intambar’ihambaye, ikigabane ca 38).

Nivyo Yesu nawe avuga ngo: « Nashize imbere yawe urugi rwuguruye atawushobora kurwugara » (Ivyahishuwe 3: 7). Kuva muri 1844, havugwa ubutumwa bw’abamarayika batatu, higishwa igitabo ca Daniyeli n’Ivyahishuwe. Ivyo bitabo vyari vyarabujijwe kwigishwa, ndetse ntibari basobanukiwe ibirimwo.  Kuko, Daniyeli yari yabwiwe ngo: « Gumiza ayo majambo muri ntibate, uyamatanishe ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo (Daniyeli 12: 4). Ubu rero kirasobanurwa ukuri kwamye, twifashishije igitabo c’Ivyahishuwe, kuko nico gitanga iri tangazo ngo « Ntumatanishe ishashara n’ikimenyetso aya majambo avugishijwe n’Imana yo mur’iki gitabo, kukw’igihe kiri hagufi (Ivyahishuwe 22: 10).

Muri make, abinjirira mur’uwu muryango wakinguwe, bariko barinjira mu kwumva ubutumwa bwiza bakihana, bakemera amategeko y’Imana arimwo n’Isabato. Uwo muryango w’urusengero rw’ijuru, wereka aberanda b’Imana bose ko Isandugu y’Isezerano irimwo amategeko cumi, ko ikihari. Handitswe ngo: « Urusengero rw’Imana rwo mw’ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamwo isandugu y’isezerano ryayo (Ivyahishuwe 11: 19).

Nico gituma burya ababigisha ngo ntimuri musi y’amategeko y’Imana, baba babivuga ngo babakuremwo iciyumviro co kwubaha isabato y’Imana, kandi  » nico kimenyetso hagati y’Imana n’abantu bayo » (Ezekiyeli 20: 20), nkuko Dimanche ar’ikimenyetso hagati ya Babuloni n’abana bayo. Yakobo yanditse ayobowe na Mpwemu Yera, ati  » Kuko uwitondeye amategeko yose agatsitara kuri rimwe, azoba ayacumuyeko yose (Yakobo 2: 10). Mu kukwigisha ngo isabato ntikuraba, bashaka ngo witwe umucumuzi nkabo.

Nuko rero, « Igihe kirashitse, ubwami bw’Imana buri hafi, mwihane mwemere ubutumwa bwiza » (Mariko 1: 15). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

 

Publié dans : Non classé |le 2 novembre, 2016 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire