Archive pour le 31 octobre, 2016

KUKI TUVUGA KO GUKORA IBIKORWA KW’ISABATO KW’AR’ICAHA?

KUKI TUVUGA KO GUKORA IBIKORWA KW’ISABATO KW’AR’ICAHA?

Yes’ati: « Nico gituma Umwana w’umuntu ar’umwami w’isabato nayo (Mariko 2: 28).

Habonetse abantu benshi bigira abavugishwa, iryo jambo bararikoresha ku nyungu zabo bwite, bashika n’aho bavugira Yesu ivyo atavuze. Yesu ntiyavuze ko Umwana w’umuntu akuyeho isabato. Oya. Yavuze ko Umwana w’umuntu ar’umwami w’isabato nayo.

Reka tubivuge mu kirundi coroshe: Ni nka kurya Umukuru w’igihugu yovuga ati:  » Jewe Pierre Nkurunziza, nd’umukuru w’igihugu c’Uburundi… Urumva ko ntaba akuyeho igihugu c’Uburundi, ahubwo aba yemeje ko Uburundi bubaho, bakaba bufise n’Umukuru wabwo. Nico gituma na Yesu, yiyemereye imbere y’abansi biwe ko « ariwe Mwami w’isabato nayo ». Ako kajambo ngo « nayo », kemeza ko abantu n’ibintu vyose, ariwe abiganza, n’isabato irimwo.

Mbega ivyo Yesu yakoze vyoba vyatumye azirura isabato nkuko babimwagiriza?

Birababaje kwumva abantu bitwa ngo n’abakozi b’Imana bifatanya n’Abafarisayo, bagashirahamwe ngo batuke Yesu imbere y’ab’isi, imbere y’abamarayika n’imbere ya Se, ngo Yesu yaraziruye isabato. Ubuhanuzi bwa Bibliya, buremera neza ibikorwa Yesu yakoze kw’isabato: ugukiza abagwaye, ukureka abashonje bakarya, ugutabara mu gihe ubuzima bw’umuntu bugeramiwe, ivyo nta tegeko ribibuza. Indambi, n’ubwishime bivanze n’akagayo, nivyo vyatumye Abafarisayo bavugishwa na Satani, bavuga ngo Yesu n’abigishwa biwe bazirura isabato. N’uwu musi niko bimeze, iyo mpwemu mbi niyo iyoboye amashengero yose yanse isabato. Yesaya yavugishijwe na Mpwemu Yera ngo: « Ni wakura ikirenge cawe ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, ariko ukita isabato umusi w’umunezero, mber’umusi wanje wera ukawita uw’umunezero, ukawubaha ntukore ivyo ugomba wowe ubwawe, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa, nuk’ uzonezererwa jewe Uhoraho… (Yesaya 58: 13-14).

Yesu ntiyakoze ivyo yigombeye, ntiyakoze ibikorwa vvyiwe ubwiwe, ntiyiriwe mu bijandijandi vy’ubusa. Twebwe iyo tugiye mu bikorwa bituraje ishinga, nko kwikorer’amabuye yo kwubaka, kurima, kudandaza, gutaha ubukwe, n’ibindi vyose, tuba twerekanye ko ataco dupfana n’abanyagihugu bo mw’ijuru. Nta mwigishwa wa Yesu yakandagiye isabato. Luka yatwandikiye ati: « Ku musi w’isabato, tureng’irembo, dukeka ko hariho ahahora hasengerwa. Turicara tuyaga n’abagore bahakoraniye. (Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13) Uwo Luka niwe yatwandikiye ko Yesu « ku musi w’isabato yinjira mw’isinagogi nkuko yamenyereye, ava hasi ngw’asome (Luka 4: 16). Birumvvikana ko Yesu yagomba kugira ako kamenyero ko kuja ku rusengero kw’isabato. Ako kamenyero niko na ba Luka na Paulo bari bafise nico cabatumye kuja gushaka aho basengera. Hariho n’ahanditswe ngo: « Paulo nkuko yamenyereye yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana nabo ivyo mu vyanditswe (Ivyanditswe 17: 2).

Umukuru w’idini, canke umuyobozi uwariwe wese, nta burenganzira afise bwo kukwaka ubwo burenganzira bwo gukurikiza akamenyero ka Yesu n’Intumwa ziwe n’abavugishwa biwe, « kuko mwubatswe ku mabuye y’urufatiro ariyo ntumwa n’abavugishwa n’Imana, Kristo Yesu akaba ariwe buye rigumya imfuruka  » (Abanyefeso 2: 20).Ntiwubatse ku bapadiri n’abapasitori, canke ku vyizerwa vyo mu rusengero rwanyu.

Uwu Yesu akomoka i Roma, no mu gipagani c’abazungu, agakwirakwizwa n’abagatorika n’abaporo biyita abakijijwe, ntaco apfana na Yesu wo muri Bibliya.

Mu kurangiza, ni wumve ikibazo Yesu wo muri Bibliya abaza abayoboke ba Yesu wo mw’idini ngo: « NONE MWEHO, N’IKI CATUMYE MURENGA ICAGEZWE C’IMANA KUBW’IMIGENZO YANYU? MWATITUYE IJAMBO RY’IMANA KUBW’IMIGENZO YANYU (Matayo 15: 3, 6). Mwarazimiye kuko mutazi Ivyanditswe, n’ububasha bw’Imana (Matayo 22: 29)

Uwiteka n’aguhe kwumva ubu butumwa bw’abamarayika batatu, wewe n’abo mu nzu yawe mwese, musohoke nk’uko Loti yasohotse n’abiwe, kuko igihe ni kigufi. Babuloni igiye guturirwa. Reka ngusigire « devoir » kugira ngo ntuze uvyibagire: Soma Luka 17: 26-29, 32)

Uhoraho aguhe umugisha hamwe n’urugo rwawe maze aguhe icicaro kigukwiriye mw’ishengero ry’abasigaye nkuko vyanditswe ngo:« muze muze mu rusengero rwiwe yejeje gushitsa ibihe vyose » (2Ngoma 30: 8), mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 31 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire