Archive pour le 28 octobre, 2016

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (16)

(Yesu) avuye mu bwato abona ishengero ryinshi rimutera  akagongwe abakiriza abagwaye. Bugorovye abigishwa biwe baramwegera, bati: Mbega hano hantu kw’ari mu gahinga, kandi bukaba buriko burira, sezera abantu baje mu mihana kwirondererayo ivyo barya. Yesu arababwira ati:  » Ntibarinda kugenda, mube ari mwebwe mubagaburira. Baramwishura bati: « Nta vyo dufise hano atar’udutsima dutanu n’udufi tubiri. Nawe ati: » Ni mubinzanire hano ». Abwira abantu kwicara hasi,yabira ya mitsima itanu n’ifi zibiri, ararangamiza, araba mw’ijuru, arabihezagira, amanyagura ya mitsima ayiha abigishwa bagaburira ishengero. Baraya bose barahaga. Batororokanya utumanyagu tw’imisigazwa, twuzura ibisimbo cumi na bibiri. Kand’abariye bar’abagabo nk’ibihumbi bitanu, ukuyemwo abagore n’abana (Matayo 14: 14-21)

La Multiplication des pains - Francisco Herrera el Viejo

Numva nezerewe gusangira nawe ubu butumwa bwiza buvuga Umwami w’imbabazi, ashobora gutegwa ikigongongwe n’uko ngwaye, akamenya ko nshonje, akandonderera ikinyiriza n’ikindamutsa. Woba wasomye aya majambo nkuko nanje nayasomye ngo « abona ishengero ryinshi rimutera  akagongwe abakiriza abagwaye ». Abizigira abantu buntu, abizigira ibigirwamana, abizigira amahera n’ubutunzi, mur’ivyo vyose nta gishobora kubabarana na wewe mu gihe ukitswe n’amagara. Ariko, dufise Umwami w’igitangaza, w’umunyarukundo: « N’ukuri,n’izacu ntimba yishizeko, n’iyacu mibabaro yikoreye (Yesaya 53: 4).

Abigishwa bo bari bafise za mpuhwe za kimuntu, kandi nta wobagaya, twese niko tumeze. Ubonye umushitsi yakugendeye ukabura ico umuzimana, urumva ko ar’ikibazo kitoroshe. Har’abaca baja no gufat’ideni mu bacuruzi kugirango umushitsi ntabatwenge. Aba bigishwa, bagize amahirwe yo kugenderwa nishengero rirenga ibihumbi bitanu vy’abagabo, kandi ko harimwo abagore n’abana, bashobora kuba baragera nko bihumbi umunani nibura. Niko kubwira Yesu ngo: sezera abantu baje mu mihana kwirondererayo ivyo barya. Mbese bihora bigushikira na wewe ugashakisha ukuntu wobona ibisubizo vy’ibibazo vyawe, gushika aho utanga Yesu  gutora ibisubizo? Uko niko abigishwa bavyifashemwo. Babonye umenga Yesu ntiyitayeho kw’abantu bashonje, bamwereka ko yasamaye ku buzima bwabo, bati: sezera abantu baje mu mihana kwirondererayo ivyo barya. Bene Data, namwe bashiki bacu, bakundwa, uguceceka kw’Imana ntigusigura ko itumva. Kandi guteba kwayo ntigusigura ko yacerewe. Yishurira ku gihe?  » Iyabaditseho ugutwi, yobura kwumva? Iyabumvye ijisho yobura kubona (Zaburi 94: 9)

Mbese wumva vyari kumera bite, mu gihe abo bantu bari biriwe inyuma ya Yesu, noneho bagataha gucumbika, basherereza utwo bararira n’abana babo mu gipagani? Bene Data bakundwa, bashiki bacu, ntore z’Imana, mureke kwishakamwo ibibazo n’ibisubizo, kuko Umwami Yesu turi kumwe, twamuhisemwo kuko adahemuka, niwe « gisubizo c’ibibazo vyacu yose ».Mpwemu Yera amushingira intahe ati: « Vyose biguhang’amaso, nawe ukabigaburira ivyokurya vyavyo igihe kigeze (Zaburi 145: 15)

Yesu arababwira ati:  » Ntibarinda kugenda, mube ari mwebwe mubagaburira ». Ibaze nawe: Ufise abantu,  wababwiye ubutumwa barabwemera. Noneho uti: Ni mugende gushaka abo muzobona bazobigisha neza kuko jewe sindi pasitori, ntavyo nahamagariwe. Ariko Yesu arakubwira ati: « Bagaburire wewe nyene » Reka kuvuga ngo « Nta vyo dufise hano atar’udutsima dutanu n’udufi tubiri. » Aha niho twese dukorera amakosa. Tuvuga ngo » Nta mashule dufise, nta mwambaro mwiza dufise, ngo ni baza kuturaba tuzobicarika hehe? N’ibindi nk’ivyo. Yesu arakubwira ati « Ni mubinzanire hano ». Wewe ko ufise amashure make, ariko ukaba ufise umunwa wo kuvuga abantu bakakwumva, ko ufise ako kantu ushobora kwinjiramwo ukaryama bugaca, ko ufise n’iyo mirongo mikeyi ya Bibliya mu mutwe, ukaba ufise ako gashati n’agapantaro wambara ukaja kw’ibarabara, genda vyose ubishire Yesu. Azobiha umugisha, bizogirira akamaro  isinzi ry’abantu. « Ariko iyo dufise ivyokurya n’ivyo twambara ivyo biba bikwiye (1Timoteyo 6: 8)

Amanyagura ya mitsima ayiha abigishwa bagaburira ishengero: Yesu ntiyashatse ko abantu baza gutora imitsima mu kajagari ngo umw’umwe aze yitorere rwiwe. Oya. Yayihereje abigishwa nabo bagaburira ishengero. Erega imisi wamaze ugendana na Yesu, amateraniro wagiyemwo, amayira wagenze, amajoro waraye, burya Yesu yipfuza ko wogir’igihe co kwakira ingabire yaguteguriye kugira ngo uzifashishe abandi.  Abantu ntibazova mu mihana ngo bamenye aho bahera mu gusoma Bibliya, wewe akira ivyokurya nawe ugaburire abandi. Si ngombwa ko woba umunyabwenge arengeye. Genda ugabure ivyo wahawe. N’abigishwa bagabuye imitsima n’amafi, ariko nta mazi canke ivoka bagabuye kuko sivyo Yesu yari yabahaye. Ivyo wiga mu rusengero kw’isabato, birakwiye ko arivyo wokwigisha abandi. « Abe ariko namwe mugira, nimwaheza gukora ivyo mwasabwe vyose, muuge muti Tur’abasavyi b’imburakimazi, twakoze ivyo dushoboye gukora gusa » (Luka 17: 10)

Niba warimye ibiharage, umuceri, ibigori, ibitoke, ivyo nivyo uzokoresha mu guhembura abashonje. Yesu ntiyogutuma gutanga amagi kandi ata nkoko woroye.  Ntuze wemer’ubuki utegeka. Ariko utwo duke ufise, nitwo Yesu yipfuza guha umugisha, kugirango tugirire akamaro abo mubana, incuti, n’abagenzi. Kandi ishimwe ry’Imana rizogera kure, n’abatari bakuzi bazovyumva bashime Uhoraho. Nico gituma wumvise ko batororokanije imisigazwa, bakuzuza ibisimbo cumi na bibiri. Kuko Yesu yarazi ko hariho n’abasigaye basanze inzu, canke abadafise amagara yo kuduga imisozi. Babazaniye utwo twokurya turyoshe twahezagiwe n’Umwami Yesu, nabo barushirijeho gusangira umunezero n’abavuye kwiga mw’ishule rya Yesu.  Mpwemu ati » Kukw’ah’uri ariho har’isoko y’ubugingo; mu muco wawe niho tuzoboonera umuco » (Zaburi 36: 9). Ibivuye kwa Yesu vyose ntibiba bike, kandi ntibishobora kubiha.

Mu vy’ukuri, dushobora gusangira umugisha n’abatagiye ku rusengero, mu gihe tugiye kubateramisha tubagabirira ivyo twize ku rusengero.

Muze mugire isabato nziza! Mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 28 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire