IVYOKURYA VYO MU GITONDO (14)

VYOKURYAVYO MU GITONDO (14)

TUVUGE IVY’UMUSI MUKURU W’ABERANDA/ABATAGATIFU BOSE

 

Image result for gaudeamus

 

Abatari bake muri twebwe, bariko baritegurira guhimbaza umusi mukuru w’Aberanda bose cane cane mu mashengero ya Gatorika, Abanglikani. Hariho n’abandi bawuhimbaza (nk’abaorthodoxes), ariko nivugiye ayo mashengero abiri, kuko ariyo arimwo abakunda gusoma ibi vyigisho turungika mu Burundi no mu bindi bihugu.

Ni mwaba mushaka guhagarara ku ruhande rw’Ijambo ry’Imana gusa, canke mukaba mushaka gufasha abandi kuva mu migenzo y’ab’isi, mukwiye kumenya ibi bikurikira: « « Muzi yuko ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngesoi zanyu z’imburakimazi mwatojwe n’abasokuru, atar’ibishira nk’ifeza n’izahabu, ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini nk’ay’umwagazi w’intama utagira agasembwa can’ibara niyo ya Kristu (1Petero 1: 18-19)

Mu mpera y’ikinyejana ca kabiri, habayeho abenshi biyita abakristu, batangura gukora imihango yo kwubahiriza abapfuye cane cane abazize ijambo ry’Imana, bakemeza ko bamaze gusanga Kristu mw’ijuru, bakabahereza amasengesho ngo babavugire mu buhirwe bw’ijuru iyo bari. Kw’igenekerezo rya 13 Rusama 610, mugihe umu Papa wabo yitwa Boniface wa IV yahezagira ingoro y’ibigirwamana vyose (yitwa mu gifransa Pantheon= temple de tous les dieux), iyo ngoro yayishikirije Mariya, uwo bita Bikira Mariya mur’iki gihe, bongera bayegurira n’abapfuye bahorwa Imana bose. Uwitwa Yohani Markale yanditse ati » Uko niko imana z’abaromani zabishije idini ryiganje » Iyo Ngoro y’ibigirwamana yaciye yitwa « isengero rya Mariya Mweranda n’iry’abahowe Imana. Ariko uwo mu papa Boniface wa IV, yashaka kuvuga ko iyo Ngoro icitse iya Maria hamwe n’abahowe Imana, bakaba imivyimba yabo ibitswe mur’iyo sengero, akaba ariho bayunamira.

Uwo musi w’Aberanda bose rero watanguye guhimbazwa kw’igenekerezo rya 13 Rusama buri mwaka, aho bibuka ukuntu iyo ngoro y’ibigirwamana yahindutse iy’abapfiriye Imana (Théo, encyclopédie catholique pour tous, éd. Mame, p. 1032). Ariko kandi, abakunda gusesengura ibintu, bavuga ko uwo musi bawuhisemwo kubera umusi wa gipagani wahimbazwa mw’Ekleziya yo muri Siriya mu kinjana ca IV. Uwo musi mukuru wari washiriweho kugirango uje mu kibanza c’umusi wo guterekera mu kwirukana abadayimoni bahora baza gutera abantu no kubagirira nabi, uwo musi witwa Lemuria, wakomoka mu gipagani ca Roma kuva kera. (Jean-Hugues Déchaux, Le Souvenir Des Morts, PUF, 1997, p. 38-39).

Guhindura itariki z’uwo musi mukuru bakarishira kw’ igenekerezo rya 1 Munyonyo, vyabaye mu gihe c’umuPapa yitwa Gregori wa III (731-741), nawe yahezagiye iyindi sengero y’i Roma ayegurira Aberanda bose. Niwe yahise ategeka ko igenekerezo rya 1 Munyonyo rizoba Umusi mukuru w’Aberanda bose. Nta wuzi ica bimuteye. Ariko benshi bibaza ko yari yumvise ko hariho umusi mukuru wa gipagani usa n’uwo wabaho mu Bwongereza nkuko vyanditswe muri Encyclopédie des Religions. Uwo musi abapagani bo mu Bwongereza bawita Samain. N’umusi mukuru w’imizimu, niwo wavyaye uwo bita Haloween mu bihugu vy’abazungu (nkumbure hoba hariho n’ibihugu vy’abirabure mur’Afrika biwugira).

___________________________________________________________________________________________________

.Habayeho Abapapa benshi bitwa ba Gregori, ariko ngo hariho abari abaririmvyi bakomeye. Iyi shusho y’indirimbo itangura iki cigisho, iva mu ndirimbo bita « Gaudeamus » yo mu ndirimbo za ba Gregori. Niyo iririmbwa kuva kera mu rurimi rw’ikilatini, ku musi mukuru w’Aberanda bose. No mu Kirundi iriho, ariko ubu iririmbwa mu Kirundi nyene

___________________________________________________________________________________________________

Tuvug’iki? Uwo musi wa Samain, ariwo wavuyemwo Halloween, wo guhimbaza imizimu, bawugira ku mugoroba izuba rirenze, kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu. Mur’ayo masaha nyene, mu nsengero zimwe zimwe z’Abagatorika, baba bariko baratangura ibisabisho vyo gusaba abapfuye, abo bita aberanda, bagapfukamira ibisigi vyabo (bavyita reliques mu gifransa) bakabirigata. Ariko abana bo nabo, atakuvangura ngo abakristu n’abataribo baba bambaye imyambaro ibashushanya n’abadayimoni, bagaca ku nzugi zose z’abanyagihugu, bahondagura ku miryango basaba amabombo (amapipi), bongera bakanga abantu kubera ibintu baba bambaye. Abandi barara mu mva, bacana za « bougies », basenga abazimu b’ababo bapfuye.  Bukeye kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo, niho abakristu baca bagira wa musi rero bita uw’Aberanda bose. Ntibigarukira ngaho gusa, kuko na bukeye bwaho, IGENEKEREZO RYA 2 MUNYONYO, baca bagira uwundi musi mukuru witwa » UMUSI W’ABAPFUYE.

Kuki batangura gukora ivyo bintu vyabo ku mugoroba, itariki 31 Gitugutu?

Mwibuke ko Satani agerageza kwigana Imana, » yigira umumarayika w’umuco » (2Abakorinto 11: 14). Bibliya iti: » Buragoroba buraca, uwo n’umusi wa … (Itanguriro 1: 5, 8, 13, 19, 23, 31). Satani arazi ko umusi utangura ku mugoroba. Nico gituma, nawe atanguza ibirori vyiwe ku mugoroba wo ku wa 31 Gitugutu, bakabiraramwo, bukeye abigirango n’abakristu, bakaja guhimbaza ba bantu babo bapfuye, Satani akabumvisha ko bari mw’ijuru, ariko n’ikinyoma. Nibaba bapfiriye mu buntu bw’Imana koko « Imana yatuboneye ikirushaho kuba ciza, kugirango abo ntibatunganywe rwose tutari kumwe » (Abaheburayo 11: 39. abamanuka baja mucobo ntibashobora kwishimira ukuri kwawe. Umuntu muzima, umuntu muzima, niwe azoguhimbaza, nk’uko ndiko ndaguhimbaza uwu musi (Yesaya 38: 18-19). Abapfuye ntibahimbaza Uhoraho, cank’abamanuka baja muri rwa rwobo (Zaburi 115: 17).

Erega, ico kinyoma co kuvuga ngo, abapfuye barashobora kwinjira mu bundi bugingo, bigatuma tubasaba ngo badusabire, cakomotse mu cigisho ca mbere Satani yatanze muri Edeni. Yigishije ngo « Haba n’intete, ntimuzopfa » (Itanguriro 3: 4). Iyo nyigisho niyo akomeza gukwirakwiza, abantu bagasaba imizimu bakayiterekera, kenshi mbere imizimu ikaboneka isayangana nk’iyiri mu buninahazwa, bakibaza ngo nivyo, ariko ar’amayeri ya Satani. Kenshi basaba imizimu y’abazungu cane cane. Abandi Satani abagira abantu b’ivyamamare mur’iyi si, muri sport, mu kuvyina, muri politike, mu madini, no mu bindi… Kubera ko atawusig’ifuni, harager’igihe bagapfa. Ico gihe Satani aba abonye umusaruro utubutse. Kuko aca akoranya abantu isinzi mu Misa no mu birori vyo kumuherekeza, bakavuga ngo n’aruhuke mu mahoro, ngo bamwurije mw’ijuru, ngo arababona aho ari n’ibindi binyoma. Benshi batanga amahera menshi ngo Misa zisomwe, kugira abantu babo ngo bashike mw’ijuru. Ivyo vyose n’ibikorwa vya Shitani. Niwe yatanze ico cigisho kigenda gikwirakwizwa kw’isi yose ngo; » HABA NAMBA NTIMUZOPFA (Itanguriro 3: 4).

Kuko abantu benshi ngo bazi ko imitima y’abantu babo iri mw’ijuru: Mbe kuki Bibliya ikoresha ijambo ngo « impwemu, umushaha, canke ngo ubugingo »?

N’ukubera ko n’impwemu nyene Imana yaguhuhiyemwo. Imana iziguhuhiramwo ukiremwa mu nda nyoko, igaharura imisi zizokumaramwo. Wewe ntuzi ibiharuro vyayo, ariko hariho igihe cashinzwe, iyo gishitse, « zica zisubira ku Mana yazitanze » (Umusiguzi 12: 6). Nizo zituma umuntu avuga agaserura iciyumviro, arico bita mu kindi kirundi, « umushaha ». Umushaha canke impwemu, ntibishobora kubaho ngo bihimbaze Imana, canke ngo bivugire umuntu ku Mana, Kugirango tuze duhimbaze Imana turi bazima, bisaba ko Yesu azogaruka, Imana ikaturema bundi busha. Nico gituma handitswe ngo: « Kand’Imana Nyen’amahoro,ibe ariyo ibeza rwose, kugirango impwemu yanyu, n’ubugingo, n’umubiri vyose hamwe bize bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagir’umugayo, aho umwami wacu Yesu azozira (1Abatesalonike 5: 23). Ico gihe niho tuzojana n’abazoba bazutse, « dusanganire Umwami mu kirere » (1Abatesalonika 4: 17). Nabo nyene bazoremwa bundi busha. Yamara Mpwemu Yera yemeza neza ko Imana « niyo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utegerwa, ata muntu yigeze ayibona, ata atawushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen (1Timoteyo 6: 16).

Publié dans : Non classé |le 25 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire