MORIDEKAYI NA HAMANI, INTAMBARA HAGATI Y’UBWOKO BW’IMANA N’UBWOKO BWA SATANI

Maze hanyumay’ivyo umwami Ahasuwerusi akuza Hamani mwene Hamedata, Umwagagi, amushira hejuru, intebe yiwe ayirrutisha iz’abaganwa bose basabanye. Maz’abagendanyi b’umwami bose bari ku kirimba i bwami, bunamira Hamani, bakamwikubit’imbere, kuko umwami yari yamushinze ngo bamuhe ico cubahiro. Ariko Moridekayi ntiyamwunamira, ntiyamwikubit’imbere Maz’abagendanyi b’umwami bari ku kirimba ibwami babaza Moridekayi bati “Ni iki gituma uca mu cagezwe c’umwami?” Nuko bashishikara kubimubarira uko bukeye, ntiyabumvira baca babibarira Hamani ngo barabe  ibya Moridekayi uko bigenda, kuko yari yababariye ngo n’Umuyuda. Nuko Hamani abonye yuko Moridekayi atamwunamiye ngo amwikubit’imbere, aca arashangashirwa cane. Ariko abona yuko gufata Moridekayi wenyene ata cyo bimaze, kuko bari bamubwiye ubwoko bwa Moridekayi ubw’ari bwo. Ni cyo cyatumye Hamani arondera uburyo bwo kugeseza Abayuda bose bari mu bihugu vyose vy’umwami Ahasuwerusi , ari bo bwoko nyene bwa Moridekayi (Esiteri 3: 1-6).

Image result for mardochee

Mur’iyi nkuru tubona mwo umwami akomenye ariwe Ahasuwerusi, igikomangoma ciwe Moridekayi, hamwe n’abagendanyi b’umwami bose bashigikiye itegeko y’umwami ryo kwunamira Moridekayi no kumwikubit’imbere. Ariko havuzwe mwo na Morodekayi n’ibwoko bwiwe bw’Abayuda, bagirizwa ko badashobora kwunamira Moridekayi no kumwikubit’imbere.  Ivyo ngo vyatumye Moridekayi ashangashirwa cane. Yagiye no kubasabira ku mwami igihano co gupfa, abarega ngo « ivyagezwevyabo ntaho bihuriye n’ivy’ayandi mahanga.ntibitondera ivyagezwe vyawe, mwami; nico gituma, mwami bitabereye gupfa kubarekera ngaho. Nuko mwami ni wavyemera hoshingw’iteka, bakaryandika ngo barandurwe; nanje nzotanga italanto z’ifeza ibihumbi cumi, ndazihe abajejwe itunga ryawe, bazishire mu bubiko bwawe mwami (Esiteri3: 8-9). Mwabonye ko na ruswa yatanzwe kugirango bagurishe ubwoko bw’Imana?

Aba bayuda buvuzwe hano n’abari basangiye umugambi wo guhagararira Imana bashikamye mu gihe ca ba Daniyeli na bagenzi biwe. Ibi vyashitse muri nya bihe nyene aho Daniyeli na bagenzi biwe. Kuko uwu mwami Ahasuweusi ni we yavyaye umwami Dariyo (Daniyeli 9: 1). Daniyeli yarakoranye na Dariyo (Daniyeli 9: 2).  Ico gihe rero Abayuda b’ukuri bariyerekanye uko bari. Hamani we vyageze naho bamutegurira n’igiti co kumubamba, ariko uwagiteguye ni we yakibambweko nyene. « Maze Haribona, umwe mu nkone zama hafi y’umwami aravuga ati “Ndetse mu rugo rwa Hamani hashinze igiti kirekire c’intambwe mirongo itanu uciriye mu nkokora, Hamani yiteguriye kumanikako Moridekayi kandi ari we yavuze ijambo ryakijije umwami n.” Umwami arategeka ati “Abe ari cyo mumumanikaho.”Nuko Hamani bamumanika ku giti yiteguriye Moridekayi… (Esiteri 6: 13-14). 

N’Abayuda bose ntibigeze bapfa, kubera amasengesho no kwisonzesha kwabo imbere y’Imana. Nukw’Abayuda bicish’inkota abansi babo bose, barabarandura, barabaherengeteza, bagira uko bagomba abari babafitiye urwanko (Esiteri 9: 5). Tuzofata umwanya twige neza iki gitabo ca Esiteri. Ariko ico ukwiye kumenya, ukwiye guhagarara ku ruhande rw’Imana, ukivangura n’abiyita Abayuda ataibo, ariko ar’isinagogi ya Satani (Ivyahishuwe 2: 9). Dukunda kuvuga ngo Imana izodutabara mu gihe c’akaga kar’imbere. Dukwiye no kumva ko mu gihe abanyamadini bazoba bishizehamwe, n’abanyapolitike kw’isi yose, inama mpuzamakungu igacika mpuzamashengero, twebwe dukwiye kumera nk’ubwoko bwa Moridekayi n’Abayuda bose. « 

Isabato nico kimenyetso gikomeye kizokwerekana ko twemera ubutegetsi bw’Umwami, kuko niko kuri abantu bazoshingirako mu kuduhaririza (Intambar’ihambaye, urup. 341, mu congereza). Kuko Umuyuda ntashobora kuba Umuyuda atubaha amategeko y’Imana, cane cane isabato. Aba Bayuda ba Moridekayi ntaco bapfana n’abo mu gihe ca Yesu. Nico gituma dusabwe kumera nkabo. Nkuko abigira abakristu ataribo bose bazoba bifatanije n’ab’isi mu gushira hejuru isabato y’ikinyoma ya dimanche, niko n’abana b’Imana bazokwibumbira hamwe mu gusenga, mu gushing’intahe no mu gushirahejuru isabato y’Uhoraho. Ariko mwirinde abantu, kuko bazobashengerana mu manza, kandi bazabakubitira mu masinagogi yabo, bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampora, muzoba ikimenyetso kibabere icabona n’imbere y’abapagani. Ariko babashengeanye ntimuze mihagarike umutima w’uko muzovuga, canke iyo muzavuga, kuko muzobibwirwa muri uwo mwanya. Kuko atari mwe muzaba muvuga, ahu bwo ari Mpwemu wa So azobavugisha (Matayo 10: 17-20).

Urugamba ruzorangira neza. Ni hagira abagutera sinje nzoba mbagomoye, abazogutera bose bazohindikirana imbere yawe. Nta co kurwanisha bacuriye kukurwanya kizogira icyo kimara, kandi ururimi rwose ruzoguhagurukira kukuburanya uzorutsinda. Ivyo ni bvo ragi ry’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kandi uko ni ko gukiranuka kwabo guturuka kuri jewe.” Ni jewe Uhoraho mbivuze (Yesaya 54: 15, 17). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : Non classé |le 24 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire