Archive pour le 24 octobre, 2016

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (13)

ARIKO WA WUNDI NTABA AZI KW’IMIZIMU ARIHO IRI… (Imigani 9: 18)

Uwu musi ndashaka ngo tuvugane ku buhanuzi bwa Bibliya budasanzwe, bwerekeye iminara y’insengero n’inkengeri zayo. Umwami Salomo yavugishijwe ivy’umugore  ngo yicaye ku muyango w’inzu canke ku gatwe kayo hejuru mu gisagara, agahamagara abahita. Handitswe ngo:

 » Gipfu n’umugore w’indegeteranyi, n’imburabwenge, kandi ntac’azi. Yicara ku muryango w’inzu yiwe no ku ntebe  ku gatwe hejuru ko mu gisagara, ngw’ahamagare abahita bagenda baramirije mu nzira zabo. At’umuntu wese n’aze yinjire hano; kand’abarira igipfamutima, at’amazi y’amibano arayoshe n’indya ziribwa mu mpisho ziranezereye.  Ariko wa wundi ntaba azi kw’imizimu arih’iri, kandi kw’abatumire biwe baba i bwina mu rupfu (Imigani 9:  13-18)

Image result for clocher d'église

Mur’iki cigisho muri kumwe n’umunyavyaha yagiriw’ubuntu, Balthasar Miburo

Ivyanditswe vyera bigereranya umugore n’ishengero. Kuk’umugabo ariwe mutwe w’umugore, nk’uko Kristu ar’umutwe w’ishengero (Abanyefeso 5: 23). Ariko uwu mugore avugwa na Salomo, asa n’uwutitaho ivy’urugo rwiwe; ngo n’indegeteranyi, n’imburabwenge. Iyo umuntu aregeteranya, n’ukuvuga ko aba avuga ibintu bidafise ishingiro, ibintu adafitiye icabona. Nkako hari yinshi, ishengero ry’iki gihe ryadukanye bidafise ishingiro bitaboneka no muri Bibliya. Nk’ukuvuga ngo hariho aberanda bandikwa n’umuntu mu gitabo, ndetse ngo akemeza isi yose ko abo bantu yabashize ku rutonde rw’ababa mw’ijuru. Ubutumwa bwiza buvuga ngo: « Nanje ndizwa cane n’uko hatabonetse uwushobora kuzingurura ico gitabo canke kukiraba (Ivyahishuwe 5: 4). Nta muntu wo kw’isi yokwandika uwundi mu gitabo c’aberanda, uwubifitiye ububasha ni Yesu gusa. Abazi ko bacisha amasengesho yabo ahandi atari kuri Yesu, bazogira ingorane kuri wa musi kuko « umuntu wese atanditswe mu gitabo c’Umwagazi w’intama yatanzwekw’ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi » (Ivyahishuwe 13: 8), ntazoshobora guhagarara imbere y’ubwiza bw’Imana. Abanditswe mu kindi gitabo c’abantu, ni  basanga amazina yabo atabonetse mu gitabo c’Umwagazi w’intama, bazojana n’uwabanditse mu gitabo ciwe. « Kand’umuntu wese atabonetse ko yanditswe mu gitabo c’ubugingo atererwa muri ca kiyaga caka umuriro (Ivyahishuwe 20: 15).

Nico gituma Bibliya yavuze ko uwo mugore, canke iryo shengero, ar’imburabwenge. Kuko, raba kwubah’Uhoraho nibwo bwenge, kandi kuva mu vyaha nikwo gutahura (Yobu 28: 28)

Uwo mugore ngo « Yicara ku muryango w’inzu yiwe no ku ntebe  ku gatwe hejuru ko mu gisagara,  ngw’ahamagare abahita ». Niko bimeze, kenshi usanga inkengeri zimanitswe mu minara miremire ku rwinjiriro rw’insengero canke hafi yaho. Izo nkengeri zikavuga buri gitondo, no ku masaha yagenewe gukora imihango n’amasengesho. Benshi bakava iyo bari bihuta ngo baracerewe. Salomo we ngo ntiyumvise ijwi ry’uwo mugore rihamagarira abantu gusenga Imana mu kuri. Ariko ngo rivuga ngo « Umuntu wese w’imburabwenge n’aze yinjire hano.

Salomo arakomeza ngo: »kand’abarira igipfamutima, at’amazi y’amibano arayoshe n’indya ziribwa mu mpisho ziranezereye ». Amazi nibwo bugingo. Ubwo bugingo wemererwa n’abantu budahuje n’ubugingo tubonera muri Yezu-Kristu, ubwo ntibwoba ar’ubwibano nk’uko Salomo abivuga? Ivyokurya tugaburirwa imisi yose kugira ngo dukure n’ijambo ry’Imana, niryo Yezu-Kristu nyene, kuko niwe Jambo ry’ubuzima. Ariko abantu barahinduye ivyo yavuze, bavuga ngo yabategetse kumurema mu guhezagira umukate n’umuvinyu, noneho ngo bakaba basubiriye kurema Yesu, akitanga kw’inkuka bundi busha, ngo tukamwakira tukamurya, umubiri n’amaraso. Ubwo niko Bibliya yanyu yigisha? Abasoma Bibliya Yera mu kirundi nkanje, handitswe neza ngo « murakore mutya kukirango kibe icibutso canje (Luka 22: 19). Paulo ntavuga na gato ko Yesu yazanye za hostiya mu gukora Ingaburo Yera. Ariko avuga ko Yesu yamwiganiye uko yabigenjeje, nawe avyibutsa bene Data b’i Korinto ati:  » Kukw’ico nahawe n’Umwami arico nabashikirije namwe, yuko Umwami Yesu mw’ijoro yaguzwemwo yabiriye umutsima, akawushimir’Imana, akawumanyagura, akavuga ati uwu n’umubiri wanje ubatangiwe, murahora mugira murtya kugira ngo kibe icibutso canje. N’igikombe akigenza gurtyo, bahejeje kurya, arababwira at’iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje; murahora mugira mutya uko muzonywako, kugirango kibe icibutso canje. Uko muzorya kur’uwo mutsima kand’uko muzonywera kur’ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’umwami wacu, kugez’aho azogarukira (1Abakorinto 11: 23-26).

Nta nahamwe Yesu yavuze ko umuntu ashobora kurema Imana yamuremye, ikaba n’Umucunguzi. Ni twabadushaka kuba aho Yesu ari wese, yaratubwiye aho twomusanga, si mu masengero asharijwe neza. Ariko ngo« Aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, mba ndi muri bo (Matayo 18: 20). Ivyo kuja gusaba aberanda, no gusoma ibisigi yabo, canke kubavugira ibisabisho n’amashapule, ntibiva mw’ijambo ry’Imana. N’uburyo Shetani akoresha, ngo twemere imizimu. Mpwemu Yera arabaza ati : « Mbeg’ikibereye abantu, ntibari bakwiye kubaza Imana yabo? Mbeg’ivy’abazima vyobazwa abapfuye? (Yesaya 8: 19). Abapfuye ntaco baba bakimenya (Umusiguzi 9: 5). Erega abapfuye ntibahimbaza Uhoraho (Zaburi 115: 17) . Kukw’Imana yatuboneye kera ikirushirijeho kuba ciza, kugirango abo ntibatunganywe wose tutari kumwe (Abaheburayo 11: 39).

Ariko ngo iyo wa mugore ahamagaye ari ku gatwe k’inzu hejuru,ngo igipfamutima kirinjira, « Ariko wa wundi ntaba azi kw’imizimu arih’iri, kandi kw’abatumire biwe baba i bwina mu rupfu ». Bibliya iravuga neza ko ivyo navyo ku biri mu bizotuma ishavu y’Imana ryisuka kubaba kur’iyi si,  » ku musi wo gutotora abantu rwose, aho iminara izosidukira » (Yesaya 30: 25). Uhoraho atubabarire cane, mw’izina ryera rya Yesu, Amen.

Publié dans:Non classé |on 24 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

MORIDEKAYI NA HAMANI, INTAMBARA HAGATI Y’UBWOKO BW’IMANA N’UBWOKO BWA SATANI

Maze hanyumay’ivyo umwami Ahasuwerusi akuza Hamani mwene Hamedata, Umwagagi, amushira hejuru, intebe yiwe ayirrutisha iz’abaganwa bose basabanye. Maz’abagendanyi b’umwami bose bari ku kirimba i bwami, bunamira Hamani, bakamwikubit’imbere, kuko umwami yari yamushinze ngo bamuhe ico cubahiro. Ariko Moridekayi ntiyamwunamira, ntiyamwikubit’imbere Maz’abagendanyi b’umwami bari ku kirimba ibwami babaza Moridekayi bati “Ni iki gituma uca mu cagezwe c’umwami?” Nuko bashishikara kubimubarira uko bukeye, ntiyabumvira baca babibarira Hamani ngo barabe  ibya Moridekayi uko bigenda, kuko yari yababariye ngo n’Umuyuda. Nuko Hamani abonye yuko Moridekayi atamwunamiye ngo amwikubit’imbere, aca arashangashirwa cane. Ariko abona yuko gufata Moridekayi wenyene ata cyo bimaze, kuko bari bamubwiye ubwoko bwa Moridekayi ubw’ari bwo. Ni cyo cyatumye Hamani arondera uburyo bwo kugeseza Abayuda bose bari mu bihugu vyose vy’umwami Ahasuwerusi , ari bo bwoko nyene bwa Moridekayi (Esiteri 3: 1-6).

Image result for mardochee

Mur’iyi nkuru tubona mwo umwami akomenye ariwe Ahasuwerusi, igikomangoma ciwe Moridekayi, hamwe n’abagendanyi b’umwami bose bashigikiye itegeko y’umwami ryo kwunamira Moridekayi no kumwikubit’imbere. Ariko havuzwe mwo na Morodekayi n’ibwoko bwiwe bw’Abayuda, bagirizwa ko badashobora kwunamira Moridekayi no kumwikubit’imbere.  Ivyo ngo vyatumye Moridekayi ashangashirwa cane. Yagiye no kubasabira ku mwami igihano co gupfa, abarega ngo « ivyagezwevyabo ntaho bihuriye n’ivy’ayandi mahanga.ntibitondera ivyagezwe vyawe, mwami; nico gituma, mwami bitabereye gupfa kubarekera ngaho. Nuko mwami ni wavyemera hoshingw’iteka, bakaryandika ngo barandurwe; nanje nzotanga italanto z’ifeza ibihumbi cumi, ndazihe abajejwe itunga ryawe, bazishire mu bubiko bwawe mwami (Esiteri3: 8-9). Mwabonye ko na ruswa yatanzwe kugirango bagurishe ubwoko bw’Imana?

Aba bayuda buvuzwe hano n’abari basangiye umugambi wo guhagararira Imana bashikamye mu gihe ca ba Daniyeli na bagenzi biwe. Ibi vyashitse muri nya bihe nyene aho Daniyeli na bagenzi biwe. Kuko uwu mwami Ahasuweusi ni we yavyaye umwami Dariyo (Daniyeli 9: 1). Daniyeli yarakoranye na Dariyo (Daniyeli 9: 2).  Ico gihe rero Abayuda b’ukuri bariyerekanye uko bari. Hamani we vyageze naho bamutegurira n’igiti co kumubamba, ariko uwagiteguye ni we yakibambweko nyene. « Maze Haribona, umwe mu nkone zama hafi y’umwami aravuga ati “Ndetse mu rugo rwa Hamani hashinze igiti kirekire c’intambwe mirongo itanu uciriye mu nkokora, Hamani yiteguriye kumanikako Moridekayi kandi ari we yavuze ijambo ryakijije umwami n.” Umwami arategeka ati “Abe ari cyo mumumanikaho.”Nuko Hamani bamumanika ku giti yiteguriye Moridekayi… (Esiteri 6: 13-14). 

N’Abayuda bose ntibigeze bapfa, kubera amasengesho no kwisonzesha kwabo imbere y’Imana. Nukw’Abayuda bicish’inkota abansi babo bose, barabarandura, barabaherengeteza, bagira uko bagomba abari babafitiye urwanko (Esiteri 9: 5). Tuzofata umwanya twige neza iki gitabo ca Esiteri. Ariko ico ukwiye kumenya, ukwiye guhagarara ku ruhande rw’Imana, ukivangura n’abiyita Abayuda ataibo, ariko ar’isinagogi ya Satani (Ivyahishuwe 2: 9). Dukunda kuvuga ngo Imana izodutabara mu gihe c’akaga kar’imbere. Dukwiye no kumva ko mu gihe abanyamadini bazoba bishizehamwe, n’abanyapolitike kw’isi yose, inama mpuzamakungu igacika mpuzamashengero, twebwe dukwiye kumera nk’ubwoko bwa Moridekayi n’Abayuda bose. « 

Isabato nico kimenyetso gikomeye kizokwerekana ko twemera ubutegetsi bw’Umwami, kuko niko kuri abantu bazoshingirako mu kuduhaririza (Intambar’ihambaye, urup. 341, mu congereza). Kuko Umuyuda ntashobora kuba Umuyuda atubaha amategeko y’Imana, cane cane isabato. Aba Bayuda ba Moridekayi ntaco bapfana n’abo mu gihe ca Yesu. Nico gituma dusabwe kumera nkabo. Nkuko abigira abakristu ataribo bose bazoba bifatanije n’ab’isi mu gushira hejuru isabato y’ikinyoma ya dimanche, niko n’abana b’Imana bazokwibumbira hamwe mu gusenga, mu gushing’intahe no mu gushirahejuru isabato y’Uhoraho. Ariko mwirinde abantu, kuko bazobashengerana mu manza, kandi bazabakubitira mu masinagogi yabo, bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampora, muzoba ikimenyetso kibabere icabona n’imbere y’abapagani. Ariko babashengeanye ntimuze mihagarike umutima w’uko muzovuga, canke iyo muzavuga, kuko muzobibwirwa muri uwo mwanya. Kuko atari mwe muzaba muvuga, ahu bwo ari Mpwemu wa So azobavugisha (Matayo 10: 17-20).

Urugamba ruzorangira neza. Ni hagira abagutera sinje nzoba mbagomoye, abazogutera bose bazohindikirana imbere yawe. Nta co kurwanisha bacuriye kukurwanya kizogira icyo kimara, kandi ururimi rwose ruzoguhagurukira kukuburanya uzorutsinda. Ivyo ni bvo ragi ry’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kandi uko ni ko gukiranuka kwabo guturuka kuri jewe.” Ni jewe Uhoraho mbivuze (Yesaya 54: 15, 17). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 24 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire