Archive pour le 14 octobre, 2016

IKIBAZO S’UGUSENGA KURI DIMANCHE, AH’UBWO N’UKURUHUKA KURI DIMANCHE

IKIBAZO S’UKUSENGA KURI DIMANCHE, AHUBWO IKIBAZO N’UKURUHUKA KURI DIMANCHE

Iki cigisho mugiye kugishikirizwa n’umunyavyaha yagiriwe Ubuntu, akaba na mwene So mufatanije intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo.

 

Abantu bo mu mashengero atandukanye, iyo bumvise ubu butumwa buvugango  » Umwana w’Umuntu n’Umwani w’Isabato nayo » (Mariko 2: 28), baca bavuga ngo kubera ko ar’Umwami w’Isabato, natwe tukaba tumusenga, ngw’Isabato siyo ituganza tuganzwa n’Umwami wayo. Ico gitekerezo nticavuye mu Vyanditswe Vyera, cavuye mu binyoma vya Satani, we ashaka gukingira isabato yiwe y’ikinyoma, ariyo : DIMANCHE. Twibukanye ibi: Iyo tuvuze ngo:  » Umukuru w’igihugu », None ico gihugu tuba tugikuyeho? Haba namba. Ahubwo tuba twemeye ko igihugu kibaho, kandi ko n’umukuru waco abaho. Iyo rero Yesu avuze ngo « Umwana w’umuntu n’Umwami w’Isabato, ntaba asahatse gukuraho Isabato nkuko bamwe bamubeshera. Aba yemeye ko Isabato ibaho, kandi ikagira n’Umwami wayo,

Kwitwaza ngo natwe dusenga kuri Dimanche nta kibazo, ngo twese duseng’Iman’imwe, ntibihuza na gato n’Ivyanditswe Vyera. Nta tegeko Imana yigeze itanga ryo gusenga kuri Dimanche, ariko idusaba gusenga imisi yose. Abaruhuka isabato yayo, nta gicumuro baba bakoze iyo bagize iteraniro ryo gusenga kuri Dimanche. Ariko abaruhuka kuri Dimanche bo baba banyuranije n’amategeko yayo, mu gihe bagiye gukora ibikorwa bishakiye kw’isabato, bakareka kuruhuka, bakitwaza ngo bazosenga bukeye kuri dimanche. Itegeko ry’Umuremyi w’ijuru n’isi, ntirivuga ivyo gusenga kw’isabato, ariko rivuga « kuruhuka, kureka ibikorwa vyawe vyose ». Reka turisome: « “Wibuke kweza umunsi w’isabato. Mu minsi itandatu ujya ukora, abe ari yo ukoreramo imirimo yawe yose, ariko uwa karindwi ni wo sabato y’Uwiteka Imana yawe. Ntukagire umurimo wose uwukoraho, wowe ubwawe, cyangwa umuhungu wawe cyangwa umukobwa wawe, cyangwa umugaragu wawe cyangwa umuja wawe, cyangwa itungo ryawe cyangwa umunyamahanga wawe uri iwanyu, kuko iminsi itandatu ari yo Uwiteka yaremeyemo ijuru n’isi n’inyanja n’ibirimo byose, akaruhukira ku wa karindwi. Ni cyo cyatumye Uwiteka aha umugisha umunsi w’isabato, akaweza (Kuvayo 20: 8-11). Iryo rigira kane mu mategeko cumi, nta jambo gusenga ryanditswemwo. Twe twitwaza ngo  » Gusenga, kuko batwigishije ko gusenga bifis’ikimazi, ngo bikingura ijuru, ngo Yesu yavuze ngo duseng’imisi yose, ngo mudodore, muzugururirwa, n’ibindi… Ariko ivyo wogira vyose bitarimwo kubanza kwubaha Imana nkuko na Yesu yayubashe, ntaco vyotanga. Kuko ubutumwa bwiza ntibwibesha, bugira buti « Uwiziba amatwi ngo atumva amategeko,Gusenga kwe na ko ni ikizira » (Imigani 28: 9).

Igihe Yesu yasezerana na Se ivyo kuza kw’isi ngo aducungure yagiz’ati: « “Dore ndaje, Mu muzingo w’igitabo ni ko byanditswe kuri jye. Mana yanjye nishimira gukora ibyo ukunda, Ni koko amategeko yawe ari mu mutima wanjye.” (Zaburi 40: 8-9 mu Kinyarwanda, mukirundi ni 7-8). Ibi nivyo vyatumye, ategekanya ko urupfu rwiwe ruba « ku munsi wo Kwitegura, isabato igira ishike » (Luka 23: 54). Ntiyashatse ko abigishwa biwe bamuhamba isabato yatanguye, kuko yari kuba ariko arabakoresha kw’isabato. « Nuko abagore bavanye na Yesu i Galilaya bamukurikiye, babona imva n’intumbi ye uko ihambwe, basubirayo batunganya ibihumura neza n’imibavu. Kandi ku munsi w’isabato bararuhuka nk’uko byategetswe (Luka 23: 55-56). Nico gituma, Ijambo ry’Imana rimushingira intahe ngo: « yicisha bugufi, araganduka ntiyanga no gupfa ndetse urupfu rwo ku musaraba »(Abafilipi 2: 8). Uku kuganduka canke kugamburuka, tukwumvira ivyo dusabwa nka Yesu, bibaye ngombwa no gupfa tukemera gupfa, nivyo Yesu adushakako, « kandi amaze gutunganywa rwose abera abamwumvira bose umuhesha w’agakiza kadashira » (Abaheburayo 5: 9)

N’ayo mategeko yari mu mutima wa Yesu, yamwibukije kuja I Nazareti aho yakuriye akama yinjira mu rusengero kw’isabato. Ni yaba rero Yesu  yagendana aya mategeko mu mutima wiwe, twebwe tukaba twumvako ata mategeko agomba kuba mu mitima yacu, tukaba twishimira bwa buntu tugenda kuzana mu matorero yacu, ngo butubohora ku mategeko,  budahuje n’ubwanditswe muri Bibliya, none mwumva turiko turagenda tugana he?  ‘Uwiteka arabaza atya ati: Mbese abantu bagwa ubutazabyuka? Umuntu yayoba inzira ubutazayigarukamo? Nabateze amatwi numva batavuga ibikwiriye, nta n’umwe wihannye ibyaha bye ngo avuge ati ‘Mbese ariko nakoze iki?’ Umuntu wese aromboreza mu nzira ye nk’uko ifarashi ivuduka ijya mu ntambara Mwavuga mute muti ‘Turi abanyabwenge kandi amategeko y’Uwiteka ari hamwe natwe?’ Ariko dore ikaramu ibeshya y’abanditsi yayahinduye ibinyoma(Yeremiya 8: 4, 6, 8).

Ibi bidusaba guhitamwo gukomeza kwumvira abapadiri n’abapasitori baduhatira gukomeza dimanche y’ikinyoma, canke tugahitamwo gukurikira Yesu, Umwami w’Isabato. Dimanche no mw’ijuru ntibayizi.

 

Uhoraho atubabarire cane, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 14 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRA, ITARIKI 14/10/2016

IGIHE CO GUSENGERANIRA

Kwa 4 w’isabato no ku wa nyuma igihe ca sa 12 kw’isaha y’i Bujumbura/Kigali

 

S’umwansi yantutse, vyari kumbera ibbitwarika, Canke uwunyanka, siwe yanyishimye hejuru, mba naramwinyegeje. Ariko ni wewe, urunganwe rwanje, uwo twagendana, umukunzi wanje pfampfe, twashira hamwe twinovorana, tukagendagendana n’ishengero mu ngoro y’Imana (Zaburi 55: 12-14).

Akivuga, Yuda umwe wo muri ba bamwe cumi na babiri,araza, azananye n’igitero cinshi, kizanye inkota n’amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n’abashingantahe b’ubwo bwoko. Ariko uwumugura yari yabahaye ikimenyetso. Ati uwo nja gusoma azoba ariwe, mumufate. Ako kanya ashikira Yesu, aramubwira ati: « N’amahoro ga Mwigisha? Maze aramusomagura. Yesu aramubwira, ati: Mugenzi wanje, ikikuzanye n’ugokore. Buno baraza, basumira Yesu, baramufata (Matayo 26: 47-50)

Ibi vyabaye nkuko Mpwemu yari yarabivugishije abavugishwa n’Imana. N’icigisho ciza kitwereka ko atari vyiza na gato kwishimira abantu. Burya umugenzi pfampfe niwe aguhemukira kuko niwe aba azi aho aguhera, kandi aba azi amabanga yawe yose. Ibi n’ibihe vy’iherezo. « Ntimukizigire umukunzi, ntimukishimire incuti; ufate n’akanwa kawe no ku mugore mufumbatirana (Mika 7: 5). Kuk’Uhoraho abivuze ati: « Narakujije abana, ndabarera, maze barampinduka (Yesaya 1: 2). None abantu barinda bahinduka Imana, wewe ni wewe batohinduka? Iki cigisho kigutere intege, wiyegurire Imana burundu mur’aka kanya, kuko nta kugirira icizere abana b’abantu. Nuko, ni mugire akamenyero ko kubitsa ubuzima bwanyu bwose incuti itiger’ihemuka ni yo Kristu-Yesu. Amen

Iki cigisho ukwiye kukukirungikira incuti n’abagenzi bawe. Kora share/partager

ABO DUSENGERA

Dusengere murumuna wa Chadrack apfunzwe kugira ngo Uwiteka amugirire ubuntu. Dusengere abantu bane muri twebwe bitegurira kubatizwa. Tubandanye gusengera Lea kugirango agere ku rugero rukwiriye, Imana imufashe abatizwe.   Dusabire urugo rwa Phinah kugirango ruhinduke ijuru rito ryo kw’isi. Dusengere Bernisse, dusengere Barakamfitiye, na Gakwerere, kugira ngo bakomerere mu buntu bw’Imana no mu kuyubaha. Dusengere Aulerie n’abanyeshule bose kugirango bagire ubwenge mu mashule, bongere bigenze nk’abantu babanye na Yesu koko.

L’image contient peut-être : 1 personne
Publié dans:Non classé |on 14 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (7)

S’umwansi yantutse, vyari kumbera ibbitwarika, Canke uwunyanka, siwe yanyishimye hejuru, mba naramwinyegeje. Ariko ni wewe, urunganwe rwanje, uwo twagendana, umukunzi wanje pfampfe, twashira hamwe twinovorana, tukagendagendana n’ishengero mu ngoro y’Imana (Zaburi 55: 12-14).

Akivuga, Yuda umwe wo muri ba bamwe cumi na babiri,araza, azananye n’igitero cinshi, kizanye inkota n’amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n’abashingantahe b’ubwo bwoko. Ariko uwumugura yari yabahaye ikimenyetso. Ati uwo nja gusoma azoba ariwe, mumufate. Ako kanya ashikira Yesu, aramubwira ati: « N’amahoro ga Mwigisha? Maze aramusomagura. Yesu aramubwira, ati: Mugenzi wanje, ikikuzanye n’ugokore. Buno baraza, basumira Yesu, baramufata (Matayo 26: 47-50)

Ibi vyabaye nkuko Mpwemu yari yarabivugishije abavugishwa n’Imana. N’icigisho ciza kitwereka ko atari vyiza na gato kwishimira abantu. Burya umugenzi pfampfe niwe aguhemukira kuko niwe aba azi aho aguhera, kandi aba azi amabanga yawe yose. Ibi n’ibihe vy’iherezo. « Ntimukizigire umukunzi, ntimukishimire incuti; ufate n’akanwa kawe no ku mugore mufumbatirana (Mika 7: 5). Kuk’Uhoraho abivuze ati: « Narakujije abana, ndabarera, maze baraminduka (Yesaya 1: 2). None abantu barinda bahinduka Imana, wewe ni wewe batohinduka? Iki cigisho kigutere intege, wiyegurire Imana burundu mur’aka kanya, kuko nta kugirira icizere abana b’abantu. Nuko, ni mugire akamenyero ko kubitsa ubuzima bwanyu bwose incuti itiger’ihemuka ni yo Kristu-Yesu. Amen

L’image contient peut-être : 1 personne
Publié dans:Non classé |on 14 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

TWIGE UMUGANI W’ABAKOZI BATUMWE GUKORA MU RUZABIBU KU MASAHA ATANDUKANYE

UMUGANI W’ABAKOZI BO MU RUZABIBU
(Imirongo yavuye muri Bibliya Yera mu Kinyarwanda, ariko ubusobanuro buri mu kirundi. Abarundi mufate Bibliya zanyu kugirango musobanukirwe neza)
1.“Ubwami bwo mu ijuru bwagereranywa n’umuntu ufite urugo, yazindutse kare gushaka abahinzi ngo bahingire uruzabibu rwe.
2.Asezerana n’abahinzi idenariyo ku munsi umwe, abohereza mu ruzabibu rwe.
3.Isaha eshatu arasohoka, asanga abandi bahagaze mu iguriro nta cyo bakora,
4.na bo arababwira ati ‘Namwe mujye mu ruzabibu rwanjye ndi bubahe ibikwiriye.’
5.Baragenda. Yongera gusohoka mu isaha esheshatu n’isaha cyenda, abigenza atyo.
6.Isaha zibaye cumi n’imwe arasohoka, asanga abandi bahagaze arababaza ati ‘Ni iki kibahagaritse hano umunsi wose nta cyo mukora?’
7.Baramusubiza bati ‘Kuko ari nta waduhaye umurimo.’ Arababwira ati ‘Namwe mujye mu ruzabibu rwanjye.’
8.“Bugorobye nyir’uruzabibu abwira igisonga cye ati ‘Hamagara abahinzi ubahe ibihembo byabo, utangirire ku ba nyuma ugeze ku ba mbere.’
9.Abatangiye mu isaha cumi n’imwe baje, umuntu wese ahabwa idenariyo imwe.
10.Ababanje baje bibwira ko bahembwa ibirutaho, ariko umuntu wese ahembwa idenariyo imwe.
11.Bazihawe bitotombera nyir’uruzabibu bati
12.‘Aba ba nyuma bakoze isaha imwe, ubanganyije natwe abahingitse umunsi wose tuvunika, twicwa n’izuba!’
13.“Na we asubiza umwe muri bo ati ‘Mugenzi wanjye, sinkugiriye nabi. Ntuzi ko twasezeranye idenariyo imwe?
14.Ngiyo yijyane ugende. Ko nshatse guhemba uwa nyuma nkawe,
15.mbese hari icyambuza kugenza ibyanjye uko nshaka, ko undeba igitsure, kuko ngize ubuntu!’
16.“Uko ni ko ab’inyuma bazaba ab’imbere, kandi ab’imbere bazaba ab’inyuma.”
Uwu mugabo avuzwe ku murongo wa mbere ngo afise urugo ni Nyen’urugo. Azinduka kare gushaka abakozi bamukorera mu ruzabibu rwiwe. Mu kirundi cacu twovuga ngo aja kurondera abakozi baja kumukorera mu rutoke. Ariko uwu mugabo, ngo n’ubwo abakozi bose batatanguye akazi ku masaha amwe, ngo bose yagiye abemerera impembo imwe: IDENARIYO. Ibi tugiye kuvyiga neza, twumve ko bituraba na twebwe. Mur’iki cigisho muri kumwe n’umunyavyaha yagiriwe ubuntu na Yesu nka mwebe, akaba n’umukozi wanyu mu Mwami, Balthasar Miburo.
Uwu n’umugani, n’imvugo ngeranyo. Nico gituma Yesu yatanguye avuga ngo:  » Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu…
Uwu muntu yazindutse kare gushaka abakozi, n’Imana yo yahamagaye abantu bayo kuva mu matangura ngo bayihagararire mur’iyi si y’umwijima. Muri bo, Bibliya iravuga Adamu ngo: « “Umuntu wa mbere ari we Adamu yabaye ubugingo buzima”, naho Adamu wa nyuma yabaye umwuka utanga ubugingo (1Abakorinto 15: 45). Uwu Adamu wa nyuma yabaye impwemu itang’ubugingo ni Yesu. Niwe yivugiye ati“Ni jye kuzuka n’ubugingo, unyizera naho yaba yarapfuye azabaho (Yohani 11: 25). Mu bakozi b’Imana ba mbere kandi haravugwamwo Abeli ngo: « Kwizera ni ko kwatumye Abeli aha Imana igitambo kiruta icya Kayini kuba cyiza, ni na ko kwamuhaye guhamywa ko ari umukiranutsi ubwo Imana yahamyaga ko amaturo ye ari meza, kandi ni ko kwatumye na none akivuga nubwo yapfuye (abaheburayo 11: 4). Dushobora kwongera ko ba Seti, Henoki, Nowa, Abrahamu na Isaka, kugeza no kuri Israeli ariwe Yakobo.
Ariko havuzwe ko, wa mugabo ariwe agereranywa n’Imana, ko yashotse no kw’isaha ya satatu, asanga abandi bicaye ataco bakora. Nabo arabatuma ngo baje kumukorera mu ruzabibu rwiwe. Aba aragereranywa n’igihe c’Abacamanza, Abami n’Abahanuzi. Kuko handitswe ngo: « Uwiteka Imana ya ba sekuruza ikabatumaho intumwa zayo, ikazinduka kare igatuma kuko yababariraga abantu bayo n’ubuturo bwayo (2Ngoma 36: 15).
Ariko ntibyahagarariy’aho, mu rukundo yakunda umurima wiwe ariwo twebwe abari kw’isi, ngo yarasohotse gutuma abandi kw’isaha zitandatu no kw’isaha y’icenda. Aba batumwe kw’isaha zitandatu, ni Yesu ubwiwe n’intumwa n’ishengero ryose ry’Abakristu ba mbere. Ariko mwasomye ko isaha ya gatandatu n’isaha y’icenda, ayo masaha mukuyavuga, Yesu yayafatanije. Kuko ishengero ry’Abakristu ba mbere, niryo Abagorozi bakoreyemwo. Bashaka kurigorora ngo rigaruke ku nyigisho za Yesu, arizo z’Intumwa n’Abahanuzi. Aba bagorozi mvuga si bamwe twumva mu bihugu vyacu bagenda bacira imanza abapasitori n’abantu bose badahuza nabo. Tuvuga abagorozi bavuzeubutumwa bwiza mu Bulayi mu gihe c’akaga gakomeye, bahanganye n’Ubupapa bw’i Roma. Twovuga nka Jerome, Jean Huss, Luteri, Calvin, Melanchton, Lefebre, Miller, Ellen G. White, n’abandi. Aya majambo akurikira, yanditswe mu kinyarwanda, ariko ndizera ko abarundi bagerageza kuyatahura, Niyo yerekana neza ukuntu igikorwa c’Abagorozi mu Bulayi, bahuye n’ibigeragezo, ariko bahagarara kuri Kristo Rutare ruzima « Umuvurungano, intambara no kumena amaraso byakomezaga gukwira hose.Ingabo z’abanyamahanga zongeye kwinjira muri Boheme, bityo amacakubiriyari abarimo yakomeje kumunga imbaraga z’igihugu. Habayeho itotezwa rimenaamaraso ryibasiye abantu bakomeje kuba indahemuka ku butumwa bwiza. Nk’uko byagendekeye abavandimwe babo bababanjirije, kugirana amasezeranona Roma byari byarinjije ibinyoma byayo, bityo ibyo bituma abayobotse ukwizerakwa mbere bari barishyize hamwe ubwabo maze bakora itorero ryihariye, bafataizina rivuga ngo, “Abavandimwe Bashyize hamwe.” Icyo gikorwa cyabakururiyeimivumo iturutse mu bantu b’ingeri zose. Nubwo byagenze bityo, bakomejegushikama ntibanyeganyezwa. Byabaye ngombwa ko bahungira mu mashyamba nomu buvumo, ariko bagakomeza kujya baterana kugira ngo basome Ijambo ry’Imanandetse bagafatanya kuyiramya.Biturutse ku ntumwa boherezaga mu bihugu bitandukanye mu ibanga, bajekumenya ko hirya no hino hari “abemera ukuri batatanye bugarijwe n’itotezwankabo, bamwe bari muri uyu mujyi abandi mu wundi; bamenya kandi ko hagati mumisozi ya Alpe hari itorero rya kera rikigendera ku rufatiro rw’Ibyanditswe kandirirwanya ukwangirika kw’itorero ry’i Roma riyoboka ibigirwamana.”

Aya makuruyakiranwe ibyishimo byinshi kandi hatangira uburyo bwo koherezanya amakuruhagati yabo n’Abakristo b’Abawalidense. Abakristo b’i Boheme bashikamye ku butumwa bwiza, bihangana mu ijoro ryogutotezwa bari barimo, kandi mu isaha y’umwijima w’icuraburindi bakomezagaguhanga amaso yabo imuhero nk’abantu bategereje ko bucya. “Kubaho kwabo kwarikuri mu minsi mibi, ariko …bibukaga amagambo yabanje kuvugwa na Huse kandiagasubirwamo na Jerome ko mbere y’uko umuseke utambika hagomba gushiraikinyejana (Intambar’ikomeye, urupapuro rwa 67)
Noneho tugarutse kuri wa mugani w’umugabo yatumye abakozi mu ruzabibu ku masaha atandukanye, ngo « Isaha zibaye cumi n’imwe arasohoka, asanga abandi bahagaze arababaza ati ‘Ni iki kibahagaritse hano umunsi wose nta cyo mukora? Baramusubiza bati ‘Kuko ari nta waduhaye umurimo.’ Arababwira ati ‘Namwe mujye mu ruzabibu rwanjye Matayo 20: 6-7). Niwaba wasomye neza iyi mirongo ibiri, aba bo hanyuma, batumwe sakumi n’imwe, kandi ntibiriwe bavugana igihembo na Shebuja. Ibi birerekana neza ko bari baramenye ko uwo mugabo atanga akazi, kandi igihembo atanga bari bakizi. Ariko Yesu yagarutse ku Bayuda, kuko bama bibaza ngo nibo bazokwicara mu bibanza bikomeye mw’ijuru kuko bigira ngo nibo ruvyaro rwa Abrahamu. Yohani Umubatizi yari yarababwiye ngo : « Ntimukibwire muti ‘Dufite Aburahamu, ni we sogokuruza.’ Ndababwira yuko Imana ibasha guhindurira Aburahamu abana muri aya mabuye (Matayo 3: 9). Yesu nawe ntiyaborohereje: Baramusubiza bati “Ko turi urubyaro rwa Aburahamu, akaba ari ntabwo twigeze na hato kuba imbata z’umuntu wese, none uvugiye iki ngo tuzabaturwa?”Yesu arabasubiza ati “Ni ukuri, ni ukuri, ndababwira yuko umuntu wese ukora ibyaha ari imbata y’ibyaha.9.Baramusubiza bati “Aburahamu ni we data.” Yesu arababwira ati “Iyo muba abana ba Aburahamu koko, muba mukora nk’uko Aburahamu yakoraga..Ariko none dore murashaka kunyica kandi ndi umuntu ubabwiye iby’ukuri, ibyo numvise ku Mana, nyamara Aburahamu we ntiyagize atyo. Ibyo mukora ni nk’ibya so.” Baramubwira bati “Ntituri ibibyarwa, ahubwo dufite data umwe, ari we Mana.” Yesu arababwira ati “Iyaba Imana yari so muba munkunze, kuko naje nkomotse ku Mana. Sinaje ku bwanjye, ahubwo ni yo yantumye. Ni iki gituma mutamenya imvugo yanjye? Ni uko mutabasha kumva ijambo ryanjye. Mukomoka kuri so Satani, kandi ibyo so ararikira ni byo namwe mushaka gukora. Uwo yahereye kera kose ari umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu by’ukuri kuko ukuri kutari muri we. Navuga ibinyoma, aravuga ibye ubwe kuko ari umunyabinyoma, kandi ni se w’ibinyoma. (Yohani 8: 33, 34, 39-44)

Ariko ngo abaje nimugoroba, n’ukuvuga twebwe turiko turakora mur’iki gihe c’iherezo. Tugeze ku mugoroba, none dore bugiye kwira. Igituma tuvuga ubu butumwa tubwihutisha, dukoresha uburyo bwose bushobotse ngo bugere mu matwi y’abari kw’isi bose, n’uko iri jwi ritanguye gusemerera cane inyuma yacu ngo: « ‘Hamagara abahinzi ubahe ibihembo byabo, utangirire ku ba nyuma ugeze ku ba mbere. (Matayo 20: 8).Abakozi beza ntibagor’ihemba. Ariko abidodomba aribo bagereranywa n’Abayuda gito, bazotahira kwidodomba. Soma neza ukuntu uwu mugani urangiye ngo“Na we asubiza umwe muri bo ati ‘Mugenzi wanjye, sinkugiriye nabi. Ntuzi ko twasezeranye idenariyo imwe?.Ngiyo yijyane ugende. Ko nshatse guhemba uwa nyuma nkawe,.mbese hari icyambuza kugenza ibyanjye uko nshaka, ko undeba igitsure, kuko ngize ubuntu!’“Uko ni ko ab’inyuma bazaba ab’imbere, kandi ab’imbere bazaba ab’inyuma.” (Matayo 20: 13-16). Yesu ntiyavuze ko n’idenariyo yabo ko bayitoye. Iyi denariyo igereranywa n’ubwami bumwe twese tubikiwe kwa Data.
Ahubwo avuze ngo : Uko niko ab’inyuma bazoba ab’imbere, ab’imbere nabo bakaba ab’inyuma. Nibaba ab’imbere babaye ab’inyuma, n’ukuvuga ko badashobora kwinjira mu bwami bw’ijuru. Kuko dusoma ngo: « Benshi bazambaza kuri uwo munsi bati ‘Mwami, Mwami, ntitwahanuraga mu izina ryawe, ntitwirukanaga abadayimoni mu izina ryawe, ntitwakoraga ibitangaza byinshi mu izina ryawe?’Ni bwo nzaberurira nti ‘Sinigeze kubamenya, nimumve imbere mwa nkozi z’ibibi mwe.’ (Matayo 7: 22-23). Aho ni ho bazaririra bakahahekenyera amenyo, mubonye Aburahamu na Isaka na Yakobo n’abahanuzi bose bibereye mu bwami bw’Imana, namwe mukaba mujugunywe hanze.Hazaza abava iburasirazuba n’iburengerazuba, n’ikasikazi n’ikusi, bicare basangirire mu bwami bw’Imana.Kandi rero, hariho ab’inyuma bamwe bazaba ab’imbere, n’ab’imbere bamwe bazaba ab’inyuma.” (Luka 13: 28-30) Aho hanze bazojugunyirwa, siheza na gato, ah’ubwo nico gihano kibi kibaho « Hanze hazaba imbwa n’abarozi n’abasambanyi, n’abicanyi n’abasenga ibishushanyo, n’umuntu wese ukunda kubeshya akabikora (Ivyahishuwe 22: 15).
 Ndakwinginze ngo winjire mu murima w’Uhoraho udufashe kuvug’ubutumwa, utitwaje vya bindivyo kuvuga ngo i wanyu bakor’ibitangaza, bavuga mu ndimi, birukana abadayimoni, ariko batigera bubahiriza amategeko y’Imana. Kuko muri Bibliya Yera mu kirundi haranditse ngo :  » Abamvumereza ngo Mwami Mwami, si bose bazokwinjira mu bwami bw’ijuru, kiretse abakora ivyo Data wo mw’ijuru ashaka Nico gituma ishengero ry’abasigaye ritigisha ku bitangaza cane, ariko ryihatira kwiga ku vyo Data wo mw’ijuru ashaka. Navyo tubisanga mu mategeko yiwe cumi, arimwo n’isabato.
Uhoraho aguhe umugisha, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
Publié dans:Non classé |on 14 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire