Archive pour le 12 octobre, 2016

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (6)

Image result for crucifixion de jesus

Kandi bamubajije bati:  » Izo nguma zo mu biganza vyawe n’iz’iki? Nawe azokwishura ati: « N’izo nakomerekeye mu nzu y’abakunzi banje (Zekariya 13: 6). Wibaze nawe umuntu yaje kukuramutsa akugemuriye, nawe hakumushimira, agataha akubiswe, mbere akomeretse, nk’aho womenga yari yaje kwisembereza abansi ataco bapfana nawe. Uwo niwo mutima twebwe tweretse Yesu. Abanyedini baramubamvye, abategetsi ba Reta bameye kumwica ngo ntibabakure mu kazi canke ngo bamburwe icubahiro, abashinzwe umutekano baramubamba kuko bakorer’amahera,  abo yagaburiye baramuta barahunga, na Petero yagira ngo n’intwari aramwihakana. Ushobora kuvuga ngo siho war’uri ntibikuraba. Ariko nawewe uvugisha umunwa ngo waramwakiriye nk’umwami n’umukiza wawe mu bugingo bwawe, ariko ibikorwa vyawe ntivyerekana ko wamwakiriye vy’ukuri.

 

Ivyanditswe birakuvuga ngo: « Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora (Tito 1: 16). Burya nuko utabizi, icaha cose dukora, tuba dusubiriye kuzibura icumu muri rwa rubavu, tuba dusubiriye gukomera imisumari muri vya biganza no muri vya birenge.

 

Yamara naho watevye kumwitaba, n’uwu musi araguhamagaranye imbabazi ngo; « Enda n’uze, twitature, nik’Uhoraho agize; nah’ivyaha vyawe vyotukura tukutuku, bizokwera derere (Yesaya 1: 19).Wumva none wogenda ukitatura n’Imana haguhera mu matati? Jewe numva nshaka kugenda tuganire twitature, ndarambiwe no kubaho ku buryo bunyuranye n’ugushaka kw’Imana. Uvyumva gute weho?

Publié dans:Non classé |on 12 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

IMBABAZI Z’IMANA NTIZIHORAHO KU BANTU BOSE…

IMBABAZI Z’IMANA NTIZIHORAHO KU BANTU BOSE

Nsenga Uhorah’Imana yanje ndatura nti: « Bwirukiro Mana nkuru y’igitinyiro, wewe wama ushitsa isezerano, ukagirir’ikigongwe abagukunda, bakitonder’ivyagezwe vyawe, twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi twaragararije, twaratambamye tuva mu mateka washinze no kuvyo wageze (Daniyeli 9: 4-5

Image result for Daniel in prayer

Iri sengesho rya Daniyeli, ndazi ko abakristu benshi ritabanezera. Ntibokwubahuka no kurisubiramwo kuko rigaruka ku mategeko n’ubugarariji bwacu. Ariko mu nsengero batwigisha ngo  ivy’amategeko vyabambwe ku musaraba. Ngufutiye ikibazo mwene Data na wewe mushiki wacu: Amategeko y’Imana niyaba yarabambanywe na Kristu ku musaraba, kuki none twigisha kwihan’ivyaha?Mbese icaha cobaho gute, ata tegeko rihari? Kuko ubutumwa buvuga buti:  » icaha kiba gipfuye iyo hatariho ivyagezwe (Abaroma 7: 8). 

Imana ifise imbabazi ku bantu batitondera amategeko yayo,ni vyo, ariko ntizihoraho. « Nuko iyo misi y’ubutamenya Imana yayirengagije, ariko noneho itegeka kw’abantu bose bari hose bihana. Ariko kuko ufise umutima ukomanyaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, aho amateka abereye y’Imana azohishurirwa, izokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze (Ivyakozwe 17: 30; Abaroma 2: 5-6).  Nivyo Daniyeli avuze ngo: » ugirir’ikigongwe abagukunda, bakitondera ivyagezwe vyawe ».

Reka tubaze Yesu, we Shebuja wa Daniyeli twumve ico abivugako:  » Ni mwankunda muzokwitondera ivyagezwe vyanje, nanje nzosaba Data, nawe azobaha uwundi Mwitsa, ngw’az’abane namwe ibihe bidashira, ni we Mpwemu w’ukuri… (Yohani 14: 15-17). Uwo Mwitsa ariwe Mpwemu w’ukuri, Yesu yamusabiye abitondera iyagezwe vyiwe gusa. S’ukuvuga ivyagezwe ya Yesu y’ubundi buryo bidahuje n’ivya Data. Oya, Yesu yavuze neza ko adusaba kwitondera ivyagezwew vya Data ngo: Ni mwitondera ivyagezwe yanje muzoguma mu rukundo rwanke nkuko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data (Yohani 15: 10). Aha biraboneka ko Mpwemu bavuga mu mashengero ko atar’uw’ukuri. Kuko iyo yumvise bavuze ivyagezwe, cane cane itegeko rya kane rivuga isabato aca yumva ko bamutunze urutoke, agasemerera ngo: Isabato n’iy’Abayuda… Ariko intumwa zaYesu zari zifise Mpwemu w’ukuri yasezeranywe na Yesu, zo zigishije ngo: « Kuko umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose agatsitara kuri kimwe, azoba acumuye kuri vyose » (Yakobo 2: 10). Wumva bisa n’ivyo bakwigisha mw’ishengero i wanyu?

Reka tubaze Yohani kuko nawe yari mur’iryo teraniro igihe Yesu yasezerana ko azobaha Mpwemu Yera: « Iki nico kitumenyesha ko tumuzi: ni twitondera ivyagezwe vyiwe. Uwuvuga ngo ndamuzi ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi. Kuko ugukund’Imana kubonekera mu kwitondera amategeko yayo(1Yohani 2: 3-4 na 5: 3).

Paulo bamubeshera ngo niwe yabarekuye ngo bahakane ivyagezwe vy’Imana. Mu vy’ukuri, uwu mutama Paulo yivugiye ko « abishimir’ivyagezwe  bose bari n’umuvumo, kuko handitswe ngw’azoba avumwe uwudashishikarira ivyanditswe vyose vyo mu gitabo c’ivyagezwe ngw’avyitondere (Abagalatiya 3: 10). Paulo avuga ivyagezwe vyanditswe mu gitabo c’ivyagezwe vya Mose. Ntavuga ku Vvyagezwe biri ku bisate bibiri vy’amabuye. Kuko ivyo vyari mu gitabo ca Mose, ntivyigeze vyinjira no mw’isandugu y’isezerano ry’Imana, vyagendera inyuma yaryo. Ivyanditswe bivuga ngo : « Maze Mose ahejeje kwandika amajambo y’ivyo vyagezwe mu gitabo ayarangije, abarira Abalewi aribo barerura isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, ati ni mujane iki gitabo c’ivyagezwe, mugishire i ruhande  y’isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu, kigumeho… (Gusubira mu Vyagezwe 31: 24-26). Ibi vyagezwe duhejeje kuvuga vyanditswe na Mose kandi turabonye ko bitinjiye imbere mw’isandugu y’isezerano, vyagumye inyuma.

Ariko ivyagezwe cumi birimwo isabato, siko bimeze. Vyo yanditswe n’Imana, kandi vyinjizwa imbere  mw’isandugu. Handitswe ngo: « Kand’uze ushire mur’iyo sandugu ibishingantahe nzoguha. Ivyo bisate vyari bikozwe n’Imana, kandi n’inyandiko zikorogoshoye kuri vyo zar’inyandiko z’Imana (Kuvayo 25: 16 na 32: 16). Ivyo nivyo nyene Imana yimuye ibishira mu mitima y’uruvyaro rwayo ari rwo « Israeli y’Imana » (Abagalatiya 6: 16). Kuko handitswe ngo: « Iri niryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisiraeli hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze: nzoshira ivyagezwe yanje imbere muri bo no mu mitima yabo niho nzovyandika, nanje nzobabera Imana nabo bazombera abantu banje » (Yeremiya 31: 33 n’Abaheburayo 10: 16).

 

Yavuze ngo « hanyuma y’iyo misi », n’ukuvuga mu gihe c’isezerano risha kuko handitswe ngo:  » Eh’imisi igir’ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango wa Israeli ridahwanye n »isezerano nasezeranye na basekuruza… (Yeremiya 31: 31). Kuko bo barinda kuja gushaka ivyagezwe ku nyuguti zikorogoshoye mu mabuye. Ntivyari vyanditswe mu mitima yabo nkuko vyanditswe mu mitima y’igihugu c’Imana (ico gihugu ni wewe na jewe) uwu musi: Kuko muboneka ko mur’icete Kristu yatwandikishije, nk’uko igikorwa cacu kimeze, kitanditswe ku bisate vy’amabuye, ariko canditswe ku bisate nivyo mitima yanyu (2Abakorinto 3: 3).

 

S’ukuvuga ko ivyagezwe vy’Imana vyahindutse, ariko yaravyimuye, ibikura ku bisate vy’amabuye, ivyandika mu mutima wacu. Ivyo nivyo vyagezwe cumi, vy’ubugingo birimwo na ya sabato y’umusi w’indwi. Ni ba mu mu bugingo bwawe handitswe mwo ibindi yagezwe bidasa n’ivyari ku mabuye, n’ikimenyetso kitabesha cerekana ko ataco upfana n’abanyagihugu bo mw’ijuru ry’Imana. Kuko twasomye aho haruguru ngo: « nzoshira ivyagezwe yanje imbere muri bo no mu mitima yabo niho nzovyandika, nanje nzobabera Imana nabo bazombera abantu banje » (Yeremiya 31: 33 n’Abaheburayo 10: 16). Ni waba mu bugingo bwawe handitswe mwo vya vyagezwe bivuga ko ugomba gupfukamira abayobozi b’idini ngo wihane ivyaha canke ngo utonde ku rusengero kw’isabato yabo ya dimanche, n’ibindi, n’ukuvuga ko ubugingo bwawe bugifise ingorane.

 

Mu mitima y’abana b’Imana handitswemwo ivyagezwe vyayo, na Yesu nivyo yazize, ibisigaye n’amangetengete y’abapadiri n’abapasitori. Mvuze nti na Yesu nivyo yazize, kuko igihe yasezerana na Se wiwe aje hasi kwigir’umuntu ngw’adupfire ku musaraba, yamubwiye ati « Ehe ndaje, mu muzingo w’igitabo niko vyanditswe kuri jewe. Mpimbawe no gukora iyo ugomba, Mana yanje, mbere ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje. (Zaburi 40: 7-8). None nimba mu mutima wa Yesu hari handitswe mwo ivyagezwe, akemera akabibambirwa hakubihemukira, akabambwa mu kibanza ca wewe nanje twama duhemuka,  none  wewe abo bantu bavuga ko agakiza baguhaye kakubohoye ku vyagezwe vy’Imana ubwo ntiwumva ko ar’abatekamutwe? Ivyo vyose babivuga ngo bahe amanota umusi wa dimanche, bakavuga ngo n’umusi w’imana yabo. Nivyo ntibabesha ni wo musi w’imana yabo koko, ariko umusi w’Imana ya Yesu n’igihugu ciwe ni kw’isabato y’umusi w’indwi, samedi (Yesaya 58: 13-14).

 

Uhoraho rero aravuga neza ati: « ngirira ikigongwe abankunda bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi (Kuvayo 20: 6). Aba nibo gihugu c’Imana, nibo bahabwa Mpwemu Yera kuko nibo bamusezeraniwe. Nta  Mpwemu yemerewe abagarariza amategeko. Kuko uwasezeranye kurungika uwo Mpwemu, nawe « yaragamburutse, ashitsa no ku rupfu, mbere urupfu rwo ku musaraba…  naho yar’umwana, yigishwa kwumvira n’ivyo yababajwe, kandi amaze guhingurwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira » (Abafilipi 2: 8 n’Abaheburayo 5: 8-9).

 

Nyereka rero nawe ako gakiza kandi ko ku bantu batumvira ivyagezwe nkuko Yesu yavyumviye. Urya yesu bigisha n’uwundi w’icaduka, si Yesu yabambwe. Uwabambwe yazize ivyaha vyacu, kandi « icaha ni wo mugararizo ». Mu gitabo ‘inkuru nziza c’Abagatorika vyanditswe neza ngo  » IGICUMURO N’UKURENGA IBWIRIZWA » (1Yohani 3: 4).

 

Nuko rero mureke guseng’abantu bazopfa nkamwe, mureke gusenga amashengero atagira isezerano ry’Imana, ariko «  Mwubahe Imana muyihimbaze, kukw’igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko y’amazi (Ivyahishuwe 14: 7). Guryo Babuloni izogwa hasi mu bugingo bwanyu, muhunge muhungire muri Yesu gusa, muzibukire ikimenyetso c’igikoko arico « dimanche’, ariko mufate ikimenyetso c’Imana ariyo  » Sabato’ (Ezekiyeli 20: 20)

Uhoraho aguhe kuryoherwa n’ijambo ryiwe no kuritahura, mw’izina ry’Umwami n’Umukiza wacu, Yesu-Kristu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 12 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire