ABAGORE BAZOBA BATWAY’INDA N’ABONSA BAZOHABONER’IBARA!

Image result for femmes enceinte benin afrique

(Fyonda kugira ngo ubisome neza vyose) Ariko mur’iyo misi abazoba batway’inda n’abonsa bazohaboner’ibara (Matayo 24: 19). Bibliya igereranya abagore n’ishengero (Abefeso 5: 23). Ni vyo abagore bazoba batway’inda n’abazoba bonsa bazogira akaga mur’iyo misi. Mufate akanya mwibaze kur’iri jambo. Ariko n’amashengero yishinga kwigisha gusa ariko ntashikane abana bayo ku kwizera nyakwo azogira ingorane mur’iyo misi. Hariho amashengero atazobona umuntu n’umwe aserukana imbere ya Kristu, kubera abungere gito bishinga kwiruka inyuma y’inyungu z’ivy’isi n’icubahiro kitazobahesha agaciro imbere ya Yesu n’abamarayika biwe.  Mukanguke kuko araje vuba kuruta uko twahora tuvyibaza. Kuko hasigaye igihe gito cane kand’uwugira aze azoza ntazoteba… Ntibigitevye! ariko mu misi y’ijwi ry’umumarayika w’indwi, aho azoba agira avuze inzamba, niho ibanga ry’Imana rizoba riherahejwe (Abaheburayo 1o: 37 n’Ivyahishuwe 10: 6-7). Iryavuzwe riratashe vuba cane! Aho i wanyu ubona vyifashe bite?

Publié dans : Non classé |le 10 octobre, 2016 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire