Archive pour le 10 octobre, 2016

ABAGORE BAZOBA BATWAY’INDA N’ABONSA BAZOHABONER’IBARA!

Image result for femmes enceinte benin afrique

(Fyonda kugira ngo ubisome neza vyose) Ariko mur’iyo misi abazoba batway’inda n’abonsa bazohaboner’ibara (Matayo 24: 19). Bibliya igereranya abagore n’ishengero (Abefeso 5: 23). Ni vyo abagore bazoba batway’inda n’abazoba bonsa bazogira akaga mur’iyo misi. Mufate akanya mwibaze kur’iri jambo. Ariko n’amashengero yishinga kwigisha gusa ariko ntashikane abana bayo ku kwizera nyakwo azogira ingorane mur’iyo misi. Hariho amashengero atazobona umuntu n’umwe aserukana imbere ya Kristu, kubera abungere gito bishinga kwiruka inyuma y’inyungu z’ivy’isi n’icubahiro kitazobahesha agaciro imbere ya Yesu n’abamarayika biwe.  Mukanguke kuko araje vuba kuruta uko twahora tuvyibaza. Kuko hasigaye igihe gito cane kand’uwugira aze azoza ntazoteba… Ntibigitevye! ariko mu misi y’ijwi ry’umumarayika w’indwi, aho azoba agira avuze inzamba, niho ibanga ry’Imana rizoba riherahejwe (Abaheburayo 1o: 37 n’Ivyahishuwe 10: 6-7). Iryavuzwe riratashe vuba cane! Aho i wanyu ubona vyifashe bite?

Publié dans:Non classé |on 10 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

IBI BIGIYE KUBAHO VUBA…UTABAYE INTAMA UZOBA IMPENE!

Image result for chevres et moutons

Amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe nawe azobarobanura nkuko umwungere arobanura intama mu mpene (Matayo 25: 32). Wewe na jewe twibaze kur’iri jambo: Nk’ubu aje nk’uwu musi twoba mu ruhande rw’intama canke mu ruhande rw’ihene?. Uvyumva ute?

Publié dans:Non classé |on 10 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

SATANI AGENDAGENDA I RUHANDE YAWE NK’INTARE ASHAKA KUKUROTSA

Image result for lion roaring

Mwirinde ibisindisha mube maso, kuko umurezi wanyu Satani azerera nk’intare yivuga ashaka uwo aconshomera. Mumurwanye mushikamye kandi mufite kwizera gukomeye, muzi yuko bene Data bari mu isi muhuje imibabaro. Kandi Imana igira ubuntu bwose yabahamagariye ubwiza bwayo buhoraho buri muri Kristo, izabatunganya rwose ubwayo ibakomeze, ibongerere imbaraga nimumara kubabazwa akanya gato. Icyubahiro n’ubutware bibe ibyayo iteka ryose. Amen. (1Petero 5: 8-11)

Publié dans:Non classé |on 10 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire