Archive pour le 5 octobre, 2016

AMURUNGIKA KU GASOZI KIWE KUMURAGIRIRA INGURUBE (Luka 15: 15)

 

AMURUNGIKA KU GASOZI KIWE KUMURAGIRIRA INGURUBE (Luka 15: 15)

Aragenda, ashumba ku muntu wo mur’ico gihugu, amurungika ku gasozi kiwe kuragira ingurube (Luka 15: 15)

Yesu yar’azi ko ata muyuda (umuyahudi) yokwemera gukora akazi ko kuragira ingurube. Kuko gukorana n’ingurube, ar’ikintu kibi gihumanya abantu b’Imana. Hariho impamvu zikomeye uwu mugani w’umwana w’ikirara wanditswe mw’isezerano rishasha. Yesu yashatse kwerekana ko iyo ugeze aho wipfuza kubana n’ingurube wahora ur’umuntu wo mu nzu y’Imana uba uriko umuvumo. Uwu muhungu avugwa mur’uwu mugani, yarababaye cane:  » Yipfuza guhazwa n’ibishishwa ingurube zirya, ariko ntibamukundira ko abirya (Luka 15: 16). Ingurube igereranywa n’abanyavyaha babi canke ivyaha bibi mw’isezerano risha, kandi Imana ntiyemerera abantu bayo kurya ingurube no kuyorora mu ngo zabo: « Ivyabashikiye n’ivya wa mugani ngo « Imbwa isubira kuvyo yadashwe, kandi ngo ingurube naho woyoza ntibiyibuza kwivurunga mu vyondo » (2Petero 2: 22). Erega, « abarya inyama z’ingurube… bose bazoshirira icarimwe. Kuko nzi ibikorwa vyabo n’ivyiyumviro vyabo. Bararya inyama z’ingurube kandi mu nkono zabo hakabamwo umufa w’ibizira, bakavuga bati: « Hagarara ukwawe ntunyegere kuko nkurusha kuba uwejejwe. Ben’abo bambera umwotsi wo mazuru n’umuriro wiriza umusi waka. Ehe ivyo biranditswe imbere yanje sinzohora (Yesaya 66: 17-18; 65: 4-6).

Nta kintu kir’inyuma iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya, ariko ibivuye mu muntu nivyo bimuhumanya… Ivyo yabivugiye kuzirura ivyokurya vyose (Mariko 7: 15, 19). Ariko se ingurube nayo yoba iharurwa mu vyokurya? Oya, ingurube ntiyigeze yitwa ivyokurya.  » N’ingurube, … nayo n’igihumanya kuri mwebwe. Inyama zavyo ntimuze muzirye, n’imivyimba yazo ntimuze muyikireko (Gusubira mu Vyagezwe 14: 8).

Kworora ingurube n’igikorwa cinjijwe na Satani mu bantu b’Imana. Wa muntu Yesu yakuramwo abadayimoni, dayimoni zaramuvugishije imbere ya Yesu: « Aramwinginga ngo ntazirukane mur’ico gihugu. Kandi kur’uwo musozi har’ubusho bw’ingurube ziriko zirarisha. Dayimoni ziramwinginga ziti : « Turungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo. Arazemerera. Izo mpwemu zihumanye zinjira muri za ngurube, zose zirukira ku gatembwe, zisuka mu kiyaga, zari nk’ibihumbi bibiri, amazi araziniga (Mariko 5: 11-13).

Nzi ko benshi baza gusoma iki cigisho, baca biyumvira ngo bo barabohowe ku vyokurya no kuvyo kunywa, ngo iri jambo ntiribaraba. Kwoba ar’ukwibesha, kuko  » Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu no kumuhana no kumutoza indero nzinza mu kugororoka (2Timoteyo 3: 16).

Ico nzi n’uko iyo wiyumviriye amahera ava mu ngurube, kuziheba no kureka kuzorora vyokurusha. Isezerano rishasha naryo rivuga ko abo bantubo mu gihugu ca Israeli, i Gadara, ko bahisemwo kwirukana Yesu ngo arabahombeje, hakwishima ko akijije umuvandimwe wabo yari yaraboshwe. « Batangura kumwinginga ngo abavire mu ntara yabo (Mariko 5:17). Ntibashatse ko Yesu ahaguma kuko biyumvira ko yohava yonona n’ibindi vyinshi. Ariko siko biri, ico gikorwa co kwirukana izo dayimoni zikaja mu ngurube zikisuka mu kiyaga, kw’ar’ukwerekana ko yifuza kweza iyo ntara, kugirango abaho bose baze babane nawe ku murwa wo mw’ijuru. « kandi kur’uwo murwa, ntihazogera ikintu gihumanya, canke uwukor’ibizira (Ivyahishuwe 21: 27). Ico giciro kirekire kigurwa ibibuguru vy’ingurube nticashinzwe na Mpwemu Yera; ahubwo cashinzwe na Satani, kugira ngo umworozi w’ingurube akomeze kwibera mu buhumane.

Ntawe ntuze urutoke, ariko mu basoma iki cigisho, hariho abari bagikeneye koko.  » IGIHE KIRASHITSE, UBWAMI BW’IMANA BURI HAFI, MWIHANE MWEMERE UBUTUMWA BWIZA (Mariko 1: 15). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

L’image contient peut-être : une personne ou plus
Publié dans:Non classé |on 5 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire