Archive pour octobre, 2016

KUKI TUVUGA KO GUKORA IBIKORWA KW’ISABATO KW’AR’ICAHA?

KUKI TUVUGA KO GUKORA IBIKORWA KW’ISABATO KW’AR’ICAHA?

Yes’ati: « Nico gituma Umwana w’umuntu ar’umwami w’isabato nayo (Mariko 2: 28).

Habonetse abantu benshi bigira abavugishwa, iryo jambo bararikoresha ku nyungu zabo bwite, bashika n’aho bavugira Yesu ivyo atavuze. Yesu ntiyavuze ko Umwana w’umuntu akuyeho isabato. Oya. Yavuze ko Umwana w’umuntu ar’umwami w’isabato nayo.

Reka tubivuge mu kirundi coroshe: Ni nka kurya Umukuru w’igihugu yovuga ati:  » Jewe Pierre Nkurunziza, nd’umukuru w’igihugu c’Uburundi… Urumva ko ntaba akuyeho igihugu c’Uburundi, ahubwo aba yemeje ko Uburundi bubaho, bakaba bufise n’Umukuru wabwo. Nico gituma na Yesu, yiyemereye imbere y’abansi biwe ko « ariwe Mwami w’isabato nayo ». Ako kajambo ngo « nayo », kemeza ko abantu n’ibintu vyose, ariwe abiganza, n’isabato irimwo.

Mbega ivyo Yesu yakoze vyoba vyatumye azirura isabato nkuko babimwagiriza?

Birababaje kwumva abantu bitwa ngo n’abakozi b’Imana bifatanya n’Abafarisayo, bagashirahamwe ngo batuke Yesu imbere y’ab’isi, imbere y’abamarayika n’imbere ya Se, ngo Yesu yaraziruye isabato. Ubuhanuzi bwa Bibliya, buremera neza ibikorwa Yesu yakoze kw’isabato: ugukiza abagwaye, ukureka abashonje bakarya, ugutabara mu gihe ubuzima bw’umuntu bugeramiwe, ivyo nta tegeko ribibuza. Indambi, n’ubwishime bivanze n’akagayo, nivyo vyatumye Abafarisayo bavugishwa na Satani, bavuga ngo Yesu n’abigishwa biwe bazirura isabato. N’uwu musi niko bimeze, iyo mpwemu mbi niyo iyoboye amashengero yose yanse isabato. Yesaya yavugishijwe na Mpwemu Yera ngo: « Ni wakura ikirenge cawe ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, ariko ukita isabato umusi w’umunezero, mber’umusi wanje wera ukawita uw’umunezero, ukawubaha ntukore ivyo ugomba wowe ubwawe, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa, nuk’ uzonezererwa jewe Uhoraho… (Yesaya 58: 13-14).

Yesu ntiyakoze ivyo yigombeye, ntiyakoze ibikorwa vvyiwe ubwiwe, ntiyiriwe mu bijandijandi vy’ubusa. Twebwe iyo tugiye mu bikorwa bituraje ishinga, nko kwikorer’amabuye yo kwubaka, kurima, kudandaza, gutaha ubukwe, n’ibindi vyose, tuba twerekanye ko ataco dupfana n’abanyagihugu bo mw’ijuru. Nta mwigishwa wa Yesu yakandagiye isabato. Luka yatwandikiye ati: « Ku musi w’isabato, tureng’irembo, dukeka ko hariho ahahora hasengerwa. Turicara tuyaga n’abagore bahakoraniye. (Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13) Uwo Luka niwe yatwandikiye ko Yesu « ku musi w’isabato yinjira mw’isinagogi nkuko yamenyereye, ava hasi ngw’asome (Luka 4: 16). Birumvvikana ko Yesu yagomba kugira ako kamenyero ko kuja ku rusengero kw’isabato. Ako kamenyero niko na ba Luka na Paulo bari bafise nico cabatumye kuja gushaka aho basengera. Hariho n’ahanditswe ngo: « Paulo nkuko yamenyereye yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana nabo ivyo mu vyanditswe (Ivyanditswe 17: 2).

Umukuru w’idini, canke umuyobozi uwariwe wese, nta burenganzira afise bwo kukwaka ubwo burenganzira bwo gukurikiza akamenyero ka Yesu n’Intumwa ziwe n’abavugishwa biwe, « kuko mwubatswe ku mabuye y’urufatiro ariyo ntumwa n’abavugishwa n’Imana, Kristo Yesu akaba ariwe buye rigumya imfuruka  » (Abanyefeso 2: 20).Ntiwubatse ku bapadiri n’abapasitori, canke ku vyizerwa vyo mu rusengero rwanyu.

Uwu Yesu akomoka i Roma, no mu gipagani c’abazungu, agakwirakwizwa n’abagatorika n’abaporo biyita abakijijwe, ntaco apfana na Yesu wo muri Bibliya.

Mu kurangiza, ni wumve ikibazo Yesu wo muri Bibliya abaza abayoboke ba Yesu wo mw’idini ngo: « NONE MWEHO, N’IKI CATUMYE MURENGA ICAGEZWE C’IMANA KUBW’IMIGENZO YANYU? MWATITUYE IJAMBO RY’IMANA KUBW’IMIGENZO YANYU (Matayo 15: 3, 6). Mwarazimiye kuko mutazi Ivyanditswe, n’ububasha bw’Imana (Matayo 22: 29)

Uwiteka n’aguhe kwumva ubu butumwa bw’abamarayika batatu, wewe n’abo mu nzu yawe mwese, musohoke nk’uko Loti yasohotse n’abiwe, kuko igihe ni kigufi. Babuloni igiye guturirwa. Reka ngusigire « devoir » kugira ngo ntuze uvyibagire: Soma Luka 17: 26-29, 32)

Uhoraho aguhe umugisha hamwe n’urugo rwawe maze aguhe icicaro kigukwiriye mw’ishengero ry’abasigaye nkuko vyanditswe ngo:« muze muze mu rusengero rwiwe yejeje gushitsa ibihe vyose » (2Ngoma 30: 8), mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 31 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

THE END OF THE RELIGION TIME IS DRAWING NEAR

  THE END OF THE RELIGION TIME IS DRAWING NEAR. THAT IS WHY IT IS WORKING HARD, WITH ITS CEREMONIES AND FEASTS,  FOR TO PERISH WITH THE MULTITUDE

Jesus said: If ye love me, keep my commandments.  And I will pray the Father, and he shall give you another Comforter, that he may abide with you for ever;  Even the Spirit of truth; whom the world cannot receive, because it seeth him not, neither knoweth him: but ye know him; for he dwelleth with you, and shall be in you  (John 14: 15-17).

Image result for La Sainte Cene

The spirit of lie is teaching arround thw world that the God’s commandments do not exist for the christians today, but for the Jews. That spirit of Satan has taken away the Lord’s Sabbath and replaced it by the pagan Sunday. . If we love Jesus, we will keep his commandments.And he will pray the Father, and he shall give us another Comforter, that he may abide with us for ever;  Even the Spirit of truth…, who descended on the Pentecost Day. The Religion spirit is not from above, neither from father no from Jesus, because he does not agree with the commandments of the kingdom of God, above all the fourth one, who remembers all the God’s people to keep the Holy Sabbath. « This spirit encourages his followers to celebrate the Christmas, the Church’s feasts, to keep the day of the sun (Sunday), to bow ourselves before the priests and pastors. This doctrin is opposite to the Christ’sone who said : »But be not ye called Rabbi: for one is your Master, even Christ; and all ye are brethren. And call no man your father upon the earth: for one is your Father, which is in heaven. Neither be ye called masters: for one is your Master, even Christ. But he that is greatest among you shall be your servant.  And whosoever shall exalt himself shall be abased; and he that shall humble himself shall be exalted (Matthew 23: 8-12).

The doctrin from this spirit from Satan focuses on the miracles, the shows, the false praisings, to bring all the world in his snare. « For they are the spirits of devils, working miracles, which go forth unto the kings of the earth and of the whole world, to gather them to the battle of that great day of God Almighty » (Revelation 16: 14)

Walk ye not in the statutes of your fathers, neither observe their judgments, nor defile yourselves with their idols:  I am the LORD your God; walk in my statutes, and keep my judgments, and do them;  And hallow my sabbaths; and they shall be a sign between me and you, that ye may know that I am the LORD your God (Ezekiel 20: 18-20).

And the LORD said unto him, Go through the midst of the city, through the midst of Jerusalem, and set a mark upon the foreheads of the men that sigh and that cry for all the abominations that be done in the midst thereof. And to the others he said in mine hearing, Go ye after him through the city, and smite: let not your eye spare, neither have ye pity: Slay utterly old and young, both maids, and little children, and women: but come not near any man upon whom is the mark; and begin at my sanctuary. Then they began at the ancient men which were before the house (Ezekiel 9: 4-6).

The time is fulfilled, and the kingdom of God is at hand: repent ye, and believe the gospel. For the Lord himself shall descend from heaven with a shout, with the voice of the archangel, and with the trump of God: and the dead in Christ shall rise first: Then we which are alive and remain shall be caught up together with them in the clouds, to meet the Lord in the air: and so shall we ever be with the Lord. Wherefore comfort one another with these words (Mark 1: 15; 1Thessalonians 4: 16-18).

For yourselves know perfectly that the day of the Lord so cometh as a thief in the night.For when they shall say, Peace and safety; then sudden destruction cometh upon them, as travail upon a woman with child; and they shall not escape. But ye, brethren, are not in darkness, that that day should overtake you as a thief. Ye are all the children of light, and the children of the day: we are not of the night, nor of darkness. Therefore let us not sleep, as do others; but let us watch and be sober. For they that sleep sleep in the night; and they that be drunken are drunken in the night.  But let us, who are of the day, be sober, putting on the breastplate of faith and love; and for an helmet, the hope of salvation. For God hath not appointed us to wrath, but to obtain salvation by our Lord Jesus Christ, Who died for us, that, whether we wake or sleep, we should live together with him (1Thessalonians 5: 2-10)

 

Publié dans:Non classé |on 30 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (16)

(Yesu) avuye mu bwato abona ishengero ryinshi rimutera  akagongwe abakiriza abagwaye. Bugorovye abigishwa biwe baramwegera, bati: Mbega hano hantu kw’ari mu gahinga, kandi bukaba buriko burira, sezera abantu baje mu mihana kwirondererayo ivyo barya. Yesu arababwira ati:  » Ntibarinda kugenda, mube ari mwebwe mubagaburira. Baramwishura bati: « Nta vyo dufise hano atar’udutsima dutanu n’udufi tubiri. Nawe ati: » Ni mubinzanire hano ». Abwira abantu kwicara hasi,yabira ya mitsima itanu n’ifi zibiri, ararangamiza, araba mw’ijuru, arabihezagira, amanyagura ya mitsima ayiha abigishwa bagaburira ishengero. Baraya bose barahaga. Batororokanya utumanyagu tw’imisigazwa, twuzura ibisimbo cumi na bibiri. Kand’abariye bar’abagabo nk’ibihumbi bitanu, ukuyemwo abagore n’abana (Matayo 14: 14-21)

La Multiplication des pains - Francisco Herrera el Viejo

Numva nezerewe gusangira nawe ubu butumwa bwiza buvuga Umwami w’imbabazi, ashobora gutegwa ikigongongwe n’uko ngwaye, akamenya ko nshonje, akandonderera ikinyiriza n’ikindamutsa. Woba wasomye aya majambo nkuko nanje nayasomye ngo « abona ishengero ryinshi rimutera  akagongwe abakiriza abagwaye ». Abizigira abantu buntu, abizigira ibigirwamana, abizigira amahera n’ubutunzi, mur’ivyo vyose nta gishobora kubabarana na wewe mu gihe ukitswe n’amagara. Ariko, dufise Umwami w’igitangaza, w’umunyarukundo: « N’ukuri,n’izacu ntimba yishizeko, n’iyacu mibabaro yikoreye (Yesaya 53: 4).

Abigishwa bo bari bafise za mpuhwe za kimuntu, kandi nta wobagaya, twese niko tumeze. Ubonye umushitsi yakugendeye ukabura ico umuzimana, urumva ko ar’ikibazo kitoroshe. Har’abaca baja no gufat’ideni mu bacuruzi kugirango umushitsi ntabatwenge. Aba bigishwa, bagize amahirwe yo kugenderwa nishengero rirenga ibihumbi bitanu vy’abagabo, kandi ko harimwo abagore n’abana, bashobora kuba baragera nko bihumbi umunani nibura. Niko kubwira Yesu ngo: sezera abantu baje mu mihana kwirondererayo ivyo barya. Mbese bihora bigushikira na wewe ugashakisha ukuntu wobona ibisubizo vy’ibibazo vyawe, gushika aho utanga Yesu  gutora ibisubizo? Uko niko abigishwa bavyifashemwo. Babonye umenga Yesu ntiyitayeho kw’abantu bashonje, bamwereka ko yasamaye ku buzima bwabo, bati: sezera abantu baje mu mihana kwirondererayo ivyo barya. Bene Data, namwe bashiki bacu, bakundwa, uguceceka kw’Imana ntigusigura ko itumva. Kandi guteba kwayo ntigusigura ko yacerewe. Yishurira ku gihe?  » Iyabaditseho ugutwi, yobura kwumva? Iyabumvye ijisho yobura kubona (Zaburi 94: 9)

Mbese wumva vyari kumera bite, mu gihe abo bantu bari biriwe inyuma ya Yesu, noneho bagataha gucumbika, basherereza utwo bararira n’abana babo mu gipagani? Bene Data bakundwa, bashiki bacu, ntore z’Imana, mureke kwishakamwo ibibazo n’ibisubizo, kuko Umwami Yesu turi kumwe, twamuhisemwo kuko adahemuka, niwe « gisubizo c’ibibazo vyacu yose ».Mpwemu Yera amushingira intahe ati: « Vyose biguhang’amaso, nawe ukabigaburira ivyokurya vyavyo igihe kigeze (Zaburi 145: 15)

Yesu arababwira ati:  » Ntibarinda kugenda, mube ari mwebwe mubagaburira ». Ibaze nawe: Ufise abantu,  wababwiye ubutumwa barabwemera. Noneho uti: Ni mugende gushaka abo muzobona bazobigisha neza kuko jewe sindi pasitori, ntavyo nahamagariwe. Ariko Yesu arakubwira ati: « Bagaburire wewe nyene » Reka kuvuga ngo « Nta vyo dufise hano atar’udutsima dutanu n’udufi tubiri. » Aha niho twese dukorera amakosa. Tuvuga ngo » Nta mashule dufise, nta mwambaro mwiza dufise, ngo ni baza kuturaba tuzobicarika hehe? N’ibindi nk’ivyo. Yesu arakubwira ati « Ni mubinzanire hano ». Wewe ko ufise amashure make, ariko ukaba ufise umunwa wo kuvuga abantu bakakwumva, ko ufise ako kantu ushobora kwinjiramwo ukaryama bugaca, ko ufise n’iyo mirongo mikeyi ya Bibliya mu mutwe, ukaba ufise ako gashati n’agapantaro wambara ukaja kw’ibarabara, genda vyose ubishire Yesu. Azobiha umugisha, bizogirira akamaro  isinzi ry’abantu. « Ariko iyo dufise ivyokurya n’ivyo twambara ivyo biba bikwiye (1Timoteyo 6: 8)

Amanyagura ya mitsima ayiha abigishwa bagaburira ishengero: Yesu ntiyashatse ko abantu baza gutora imitsima mu kajagari ngo umw’umwe aze yitorere rwiwe. Oya. Yayihereje abigishwa nabo bagaburira ishengero. Erega imisi wamaze ugendana na Yesu, amateraniro wagiyemwo, amayira wagenze, amajoro waraye, burya Yesu yipfuza ko wogir’igihe co kwakira ingabire yaguteguriye kugira ngo uzifashishe abandi.  Abantu ntibazova mu mihana ngo bamenye aho bahera mu gusoma Bibliya, wewe akira ivyokurya nawe ugaburire abandi. Si ngombwa ko woba umunyabwenge arengeye. Genda ugabure ivyo wahawe. N’abigishwa bagabuye imitsima n’amafi, ariko nta mazi canke ivoka bagabuye kuko sivyo Yesu yari yabahaye. Ivyo wiga mu rusengero kw’isabato, birakwiye ko arivyo wokwigisha abandi. « Abe ariko namwe mugira, nimwaheza gukora ivyo mwasabwe vyose, muuge muti Tur’abasavyi b’imburakimazi, twakoze ivyo dushoboye gukora gusa » (Luka 17: 10)

Niba warimye ibiharage, umuceri, ibigori, ibitoke, ivyo nivyo uzokoresha mu guhembura abashonje. Yesu ntiyogutuma gutanga amagi kandi ata nkoko woroye.  Ntuze wemer’ubuki utegeka. Ariko utwo duke ufise, nitwo Yesu yipfuza guha umugisha, kugirango tugirire akamaro abo mubana, incuti, n’abagenzi. Kandi ishimwe ry’Imana rizogera kure, n’abatari bakuzi bazovyumva bashime Uhoraho. Nico gituma wumvise ko batororokanije imisigazwa, bakuzuza ibisimbo cumi na bibiri. Kuko Yesu yarazi ko hariho n’abasigaye basanze inzu, canke abadafise amagara yo kuduga imisozi. Babazaniye utwo twokurya turyoshe twahezagiwe n’Umwami Yesu, nabo barushirijeho gusangira umunezero n’abavuye kwiga mw’ishule rya Yesu.  Mpwemu ati » Kukw’ah’uri ariho har’isoko y’ubugingo; mu muco wawe niho tuzoboonera umuco » (Zaburi 36: 9). Ibivuye kwa Yesu vyose ntibiba bike, kandi ntibishobora kubiha.

Mu vy’ukuri, dushobora gusangira umugisha n’abatagiye ku rusengero, mu gihe tugiye kubateramisha tubagabirira ivyo twize ku rusengero.

Muze mugire isabato nziza! Mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 28 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRA

Ku wa gatatu, ariho ku wa 4 w’isabato no ku wa 5, ariwo musi wo kwitegurir’isabato, igihe ca sakumi na zibiri z’umugoroba, ku masaha y’i Bujumbura/Kigali

ADUGA UMUSOZI GUSENGA YIHEREREYE. BWAGOROVYE ARIYO WENYENE GUSA

Uwo mwanya agobera abigishwa biwe ngo batambukire mu bwato bitangire kujabuka hakurya, abanze gusezera ishengero. Ahejeje gusezera ishengero, aduga umusozi gusenga, yiherereye. Bwagorovye ariyo wenyene gusa (Matayo 14: 22-23)

Image result for jesus in prayer

Ibi vyasaba ukwizera gukomeye. Bibliya ikoresheje ijambo ngo « agobera abigishwa ». Womenga bagiye batabishaka, ariko kuko vyari bivuzwe n’Umwami wabo baremeye batambukira mu bwato. Bari bafise impamvu zikwiye zo gutinya: Ubwa mbere: Bwari bwije. Ubugira kabiri: Umwami wabo yar’asigaye hakurya kandi ariwe yar’inkomezi zabo. Ubwa gatatu: Ntibari bazi na gato ikibarindiriye hakurya y’ikiyaga. Ariko Yesu ngo  »abagobera ngo batambukire mu bwato bitangire kujabuka. Ukwizera nikwo kwatumye bagenda nkuko vyanditswe ngo: « Mbere naho noca mu mwonga w’igitutu c’urupfu, sinzogira ikibi ntinya, kuk’uri kumwe nanje. Inyobozo yawe n’ubuhiri bwawe nivyo bimpumuriza (Zaburi 23: 4)

Mbese har’igihe igikorwa c’Imana kikugobera kugenda ahantu, canke gukora ibintu bisa n’aho woba uhevye amagara yawe? Har’aho biragushikira, wakoranye n’abandi ku murango, ugasanga bigusavye gucumbika aho wakoreye, canke ahandi hantu kandi utari wavyiteguriye? Nivyo vyabaye kur’abo bigishwa ba Yesu. Yesu yarazi uko biza kubagendekera kuko yar’Imana yambay’umubiri w’umuntu. Ntuze utinye mu gihe bibaye birtyo, kuko ntaco uzoba Imana irakubona. Yesu yagutumye burya muba muraye ku musego umwe. Kand’inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw’isi yose hirya no hino, kugirango yerekane ububasha bwiwe bwo gutabara, abafise imitima imutunganiye (2Ngoma 16: 9):

Ubutumwa bwanditswe na Matayo, buvuga ko Uwo musi utari wabaye umusi usanzwe. Watanguwe n’amakuru mabi yo kubikira Yesu ko mwene nyinabo, ariwe Yohani Umubatizi, ko bamuciy’umutwe (Matayo 14: 6-13). Yesu avyumvise, arahava, agenda mu bwato, aja ahantu h’agahinga kwihererayo. Ishengero rivyumvise riramukurikira (Matayo 14: 13). Ni rya shengero ry’abantu ibihumbi bitanu Yesu yagaburira imitsima. Bibliya ivuga ko yabagaburiye ku mugoroba. Uwo mwanya agobera abigishwa biwe ngo batambukire mu bwato bitangire kujabuka hakurya, abanze gusezera ishengero. Ahejeje gusezera ishengero, aduga umusozi gusenga, yiherereye. Bwagorovye ariyo wenyene gusa (Matayo 14: 22-23). Igikorwa c’uwo musi rero cari giheze, Yesu yumva vyoba vyiza asezeye ishengero, ndetse n’abigishwa bakamuva i ruhande, kugirango abone akanya ko gusenga. Aduga umusozi gusenga, yiherereye. Bwagorovye ariyo wenyene gusa (Matayo 14: 23).

Mbese wewe, iyo wiriwe mu gikorwa c’Imana, ubwo uja ufata akanya ko kwiherera ku mugoroba ugasengera abo mwiriwe mukorana? Mbese iyo uvuye ku kazi ukora akariko kose, ubwo urafata akanya ku mugoroba ugasengera abo mukorana? Iyo wagiye kuraba abagwaye, iyo wagiye mu materaniro ayariyo yose, ubwo urafata akanya ko gusengera abo mwari kumwe? Mbese iyo wiriwe kw’ishure, ubwo urafata umwanya ku mugoroba ugasengera abakwigisha n’abanyeshure mwigana? Ivyo nivyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, abasigira icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe (1Petero 2: 21)

ABASAVYE AMASENGESHO

Annick, arasaba ashimitse gusengera umuvyeyi wiwe ari mu bitaro i Bujumbura.  Chadrack arabatereje amasengesho mwese kubera mwene wabo apfunzwe. Aulerie, abaterereje amasengesho kugirango agire ubwenge bwo gutahura ivyigwa mw’ishule. Dufise n’uwundi mushiki wacu akeneye amasengesho kugirango aze abone uwo bubakana w’umukristu. Bene Data bari mu Kirundo, i Ngozi n’i Bujumbura, basavye ko twosenga kugira ngo imvura igwe, kuko izuba ni ryinshi. Dufise na bene Data na bashiki bacu muri Uganda, R.D.C. na Tanzaniya bakeneye amasengesho kugira bakurire mu buntu bw’Imana. Dusengere abavugabutumwa bose muri rusangi, bariko baravuga ubutumwa mu bihugu vyo mu Buseruko, cane cane muri Siriya, kuko benshi baricwa bazira ukwizera kwabo, kubera igikorwa c’Imana bakora.

Publié dans:Non classé |on 26 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (15)

ADUGA UMUSOZI GUSENGA YIHEREREYE. BWAGOROVYE ARIYO WENYENE GUSA

Uwo mwanya agobera abigishwa biwe ngo batambukire mu bwato bitangire kujabuka hakurya, abanze gusezera ishengero. Ahejeje gusezera ishengero, aduga umusozi gusenga, yiherereye. Bwagorovye ariyo wenyene gusa (Matayo 14: 22-23)

Image result for jesus in prayer

Ibi vyasaba ukwizera gukomeye. Bibliya ikoresheje ijambo ngo « agobera abigishwa ». Womenga bagiye batabishaka, ariko kuko vyari bivuzwe n’Umwami wabo baremeye batambukira mu bwato. Bari bafise impamvu zikwiye zo gutinya: Ubwa mbere: Bwari bwije. Ubugira kabiri: Umwami wabo yar’asigaye hakurya kandi ariwe yar’inkomezi zabo. Ubwa gatatu: Ntibari bazi na gato ikibarindiriye hakurya y’ikiyaga. Ariko Yesu ngo « abagobera ngo batambukire mu bwato bitangire kujabuka » Ukwizera nikwo kwatumye bagenda nkuko vyanditswe ngo:  »Mbere naho noca mu mwonga w’igitutu c’urupfu, sinzogira ikibi ntinya, kuk’uri kumwe nanje. Inyobozo yawe n’ubuhiri bwawe nivyo bimpumuriza (Zaburi 23: 4) »

Mbese har’igihe igikorwa c’Imana kikugobera kugenda ahantu, canke gukora ibintu bisa n’aho woba uhevye amagara yawe? Har’aho biragushikira, wakoranye n’abandi ku murango, ugasanga bigusavye gucumbika aho wakoreye, canke ahandi hantu kandi utari wavyiteguriye? Nivyo vyabaye kur’abo bigishwa ba Yesu. Yesu yarazi uko biza kubagendekera kuko yar’Imana yambay’umubiri w’umuntu. Ntuze utinye mu gihe bibaye birtyo, kuko ntaco uzoba Imana irakubona. Yesu yagutumye burya muba muraye ku musego umwe. Kand’inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw’isi yose hirya no hino, kugirango yerekane ububasha bwiwe bwo gutabara, abafise imitima imutunganiye (2Ngoma 16: 9):

Ubutumwa bwanditswe na Matayo, buvuga ko Uwo musi utari wabaye umusi usanzwe. Watanguwe n’amakuru mabi yo kubikira Yesu ko mwene nyinabo, ariwe Yohani Umubatizi, ko bamuciy’umutwe (Matayo 14: 6-13). Yesu avyumvise, arahava, agenda mu bwato, aja ahantu h’agahinga kwihererayo. Ishengero rivyumvise riramukurikira (Matayo 14: 13). Ni rya shengero ry’abantu ibihumbi bitanu Yesu yagaburira imitsima. Bibliya ivuga ko yabagaburiye ku mugoroba, birashoboka ko ivyo vyokurya arivyo barariye kur’uwo musi. Tuzovyiga neza mu cigisho c’ejo mu gitondo.

Uwo mwanya agobera abigishwa biwe ngo batambukire mu bwato bitangire kujabuka hakurya, abanze gusezera ishengero. Ahejeje gusezera ishengero, aduga umusozi gusenga, yiherereye. Bwagorovye ariyo wenyene gusa (Matayo 14: 22-23). Igikorwa c’uwo musi rero cari giheze, Yesu yumva vyoba vyiza asezeye ishengero, ndetse n’abigishwa bakamuva i ruhande, kugirango abone akanya ko gusenga. Aduga umusozi gusenga, yiherereye. Bwagorovye ariyo wenyene gusa (Matayo 14: 23).

Mbese wewe, iyo wiriwe mu gikorwa c’Imana, ubwo uja ufata akanya ko kwiherera ku mugoroba ugasengera abo mwiriwe mukorana? Mbese iyo uvuye ku kazi ukora akariko kose, ubwo urafata akanya ku mugoroba ugasengera abo mukorana? Iyo wagiye kuraba abagwaye, iyo wagiye mu materaniro ayariyo yose, ubwo urafata akanya ko gusengera abo mwari kumwe? Mbese iyo wiriwe kw’ishure, ubwo urafata umwanya ku mugoroba ugasengera abakwigisha n’abanyeshure mwigana? Ivyo nivyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, abasigira icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe (1Petero 2: 21)

 

 

 

Publié dans:Non classé |on 26 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (14)

VYOKURYAVYO MU GITONDO (14)

TUVUGE IVY’UMUSI MUKURU W’ABERANDA/ABATAGATIFU BOSE

 

Image result for gaudeamus

 

Abatari bake muri twebwe, bariko baritegurira guhimbaza umusi mukuru w’Aberanda bose cane cane mu mashengero ya Gatorika, Abanglikani. Hariho n’abandi bawuhimbaza (nk’abaorthodoxes), ariko nivugiye ayo mashengero abiri, kuko ariyo arimwo abakunda gusoma ibi vyigisho turungika mu Burundi no mu bindi bihugu.

Ni mwaba mushaka guhagarara ku ruhande rw’Ijambo ry’Imana gusa, canke mukaba mushaka gufasha abandi kuva mu migenzo y’ab’isi, mukwiye kumenya ibi bikurikira: « « Muzi yuko ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngesoi zanyu z’imburakimazi mwatojwe n’abasokuru, atar’ibishira nk’ifeza n’izahabu, ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini nk’ay’umwagazi w’intama utagira agasembwa can’ibara niyo ya Kristu (1Petero 1: 18-19)

Mu mpera y’ikinyejana ca kabiri, habayeho abenshi biyita abakristu, batangura gukora imihango yo kwubahiriza abapfuye cane cane abazize ijambo ry’Imana, bakemeza ko bamaze gusanga Kristu mw’ijuru, bakabahereza amasengesho ngo babavugire mu buhirwe bw’ijuru iyo bari. Kw’igenekerezo rya 13 Rusama 610, mugihe umu Papa wabo yitwa Boniface wa IV yahezagira ingoro y’ibigirwamana vyose (yitwa mu gifransa Pantheon= temple de tous les dieux), iyo ngoro yayishikirije Mariya, uwo bita Bikira Mariya mur’iki gihe, bongera bayegurira n’abapfuye bahorwa Imana bose. Uwitwa Yohani Markale yanditse ati » Uko niko imana z’abaromani zabishije idini ryiganje » Iyo Ngoro y’ibigirwamana yaciye yitwa « isengero rya Mariya Mweranda n’iry’abahowe Imana. Ariko uwo mu papa Boniface wa IV, yashaka kuvuga ko iyo Ngoro icitse iya Maria hamwe n’abahowe Imana, bakaba imivyimba yabo ibitswe mur’iyo sengero, akaba ariho bayunamira.

Uwo musi w’Aberanda bose rero watanguye guhimbazwa kw’igenekerezo rya 13 Rusama buri mwaka, aho bibuka ukuntu iyo ngoro y’ibigirwamana yahindutse iy’abapfiriye Imana (Théo, encyclopédie catholique pour tous, éd. Mame, p. 1032). Ariko kandi, abakunda gusesengura ibintu, bavuga ko uwo musi bawuhisemwo kubera umusi wa gipagani wahimbazwa mw’Ekleziya yo muri Siriya mu kinjana ca IV. Uwo musi mukuru wari washiriweho kugirango uje mu kibanza c’umusi wo guterekera mu kwirukana abadayimoni bahora baza gutera abantu no kubagirira nabi, uwo musi witwa Lemuria, wakomoka mu gipagani ca Roma kuva kera. (Jean-Hugues Déchaux, Le Souvenir Des Morts, PUF, 1997, p. 38-39).

Guhindura itariki z’uwo musi mukuru bakarishira kw’ igenekerezo rya 1 Munyonyo, vyabaye mu gihe c’umuPapa yitwa Gregori wa III (731-741), nawe yahezagiye iyindi sengero y’i Roma ayegurira Aberanda bose. Niwe yahise ategeka ko igenekerezo rya 1 Munyonyo rizoba Umusi mukuru w’Aberanda bose. Nta wuzi ica bimuteye. Ariko benshi bibaza ko yari yumvise ko hariho umusi mukuru wa gipagani usa n’uwo wabaho mu Bwongereza nkuko vyanditswe muri Encyclopédie des Religions. Uwo musi abapagani bo mu Bwongereza bawita Samain. N’umusi mukuru w’imizimu, niwo wavyaye uwo bita Haloween mu bihugu vy’abazungu (nkumbure hoba hariho n’ibihugu vy’abirabure mur’Afrika biwugira).

___________________________________________________________________________________________________

.Habayeho Abapapa benshi bitwa ba Gregori, ariko ngo hariho abari abaririmvyi bakomeye. Iyi shusho y’indirimbo itangura iki cigisho, iva mu ndirimbo bita « Gaudeamus » yo mu ndirimbo za ba Gregori. Niyo iririmbwa kuva kera mu rurimi rw’ikilatini, ku musi mukuru w’Aberanda bose. No mu Kirundi iriho, ariko ubu iririmbwa mu Kirundi nyene

___________________________________________________________________________________________________

Tuvug’iki? Uwo musi wa Samain, ariwo wavuyemwo Halloween, wo guhimbaza imizimu, bawugira ku mugoroba izuba rirenze, kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu. Mur’ayo masaha nyene, mu nsengero zimwe zimwe z’Abagatorika, baba bariko baratangura ibisabisho vyo gusaba abapfuye, abo bita aberanda, bagapfukamira ibisigi vyabo (bavyita reliques mu gifransa) bakabirigata. Ariko abana bo nabo, atakuvangura ngo abakristu n’abataribo baba bambaye imyambaro ibashushanya n’abadayimoni, bagaca ku nzugi zose z’abanyagihugu, bahondagura ku miryango basaba amabombo (amapipi), bongera bakanga abantu kubera ibintu baba bambaye. Abandi barara mu mva, bacana za « bougies », basenga abazimu b’ababo bapfuye.  Bukeye kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo, niho abakristu baca bagira wa musi rero bita uw’Aberanda bose. Ntibigarukira ngaho gusa, kuko na bukeye bwaho, IGENEKEREZO RYA 2 MUNYONYO, baca bagira uwundi musi mukuru witwa » UMUSI W’ABAPFUYE.

Kuki batangura gukora ivyo bintu vyabo ku mugoroba, itariki 31 Gitugutu?

Mwibuke ko Satani agerageza kwigana Imana, » yigira umumarayika w’umuco » (2Abakorinto 11: 14). Bibliya iti: » Buragoroba buraca, uwo n’umusi wa … (Itanguriro 1: 5, 8, 13, 19, 23, 31). Satani arazi ko umusi utangura ku mugoroba. Nico gituma, nawe atanguza ibirori vyiwe ku mugoroba wo ku wa 31 Gitugutu, bakabiraramwo, bukeye abigirango n’abakristu, bakaja guhimbaza ba bantu babo bapfuye, Satani akabumvisha ko bari mw’ijuru, ariko n’ikinyoma. Nibaba bapfiriye mu buntu bw’Imana koko « Imana yatuboneye ikirushaho kuba ciza, kugirango abo ntibatunganywe rwose tutari kumwe » (Abaheburayo 11: 39. abamanuka baja mucobo ntibashobora kwishimira ukuri kwawe. Umuntu muzima, umuntu muzima, niwe azoguhimbaza, nk’uko ndiko ndaguhimbaza uwu musi (Yesaya 38: 18-19). Abapfuye ntibahimbaza Uhoraho, cank’abamanuka baja muri rwa rwobo (Zaburi 115: 17).

Erega, ico kinyoma co kuvuga ngo, abapfuye barashobora kwinjira mu bundi bugingo, bigatuma tubasaba ngo badusabire, cakomotse mu cigisho ca mbere Satani yatanze muri Edeni. Yigishije ngo « Haba n’intete, ntimuzopfa » (Itanguriro 3: 4). Iyo nyigisho niyo akomeza gukwirakwiza, abantu bagasaba imizimu bakayiterekera, kenshi mbere imizimu ikaboneka isayangana nk’iyiri mu buninahazwa, bakibaza ngo nivyo, ariko ar’amayeri ya Satani. Kenshi basaba imizimu y’abazungu cane cane. Abandi Satani abagira abantu b’ivyamamare mur’iyi si, muri sport, mu kuvyina, muri politike, mu madini, no mu bindi… Kubera ko atawusig’ifuni, harager’igihe bagapfa. Ico gihe Satani aba abonye umusaruro utubutse. Kuko aca akoranya abantu isinzi mu Misa no mu birori vyo kumuherekeza, bakavuga ngo n’aruhuke mu mahoro, ngo bamwurije mw’ijuru, ngo arababona aho ari n’ibindi binyoma. Benshi batanga amahera menshi ngo Misa zisomwe, kugira abantu babo ngo bashike mw’ijuru. Ivyo vyose n’ibikorwa vya Shitani. Niwe yatanze ico cigisho kigenda gikwirakwizwa kw’isi yose ngo; » HABA NAMBA NTIMUZOPFA (Itanguriro 3: 4).

Kuko abantu benshi ngo bazi ko imitima y’abantu babo iri mw’ijuru: Mbe kuki Bibliya ikoresha ijambo ngo « impwemu, umushaha, canke ngo ubugingo »?

N’ukubera ko n’impwemu nyene Imana yaguhuhiyemwo. Imana iziguhuhiramwo ukiremwa mu nda nyoko, igaharura imisi zizokumaramwo. Wewe ntuzi ibiharuro vyayo, ariko hariho igihe cashinzwe, iyo gishitse, « zica zisubira ku Mana yazitanze » (Umusiguzi 12: 6). Nizo zituma umuntu avuga agaserura iciyumviro, arico bita mu kindi kirundi, « umushaha ». Umushaha canke impwemu, ntibishobora kubaho ngo bihimbaze Imana, canke ngo bivugire umuntu ku Mana, Kugirango tuze duhimbaze Imana turi bazima, bisaba ko Yesu azogaruka, Imana ikaturema bundi busha. Nico gituma handitswe ngo: « Kand’Imana Nyen’amahoro,ibe ariyo ibeza rwose, kugirango impwemu yanyu, n’ubugingo, n’umubiri vyose hamwe bize bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagir’umugayo, aho umwami wacu Yesu azozira (1Abatesalonike 5: 23). Ico gihe niho tuzojana n’abazoba bazutse, « dusanganire Umwami mu kirere » (1Abatesalonika 4: 17). Nabo nyene bazoremwa bundi busha. Yamara Mpwemu Yera yemeza neza ko Imana « niyo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utegerwa, ata muntu yigeze ayibona, ata atawushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen (1Timoteyo 6: 16).

Publié dans:Non classé |on 25 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (13)

ARIKO WA WUNDI NTABA AZI KW’IMIZIMU ARIHO IRI… (Imigani 9: 18)

Uwu musi ndashaka ngo tuvugane ku buhanuzi bwa Bibliya budasanzwe, bwerekeye iminara y’insengero n’inkengeri zayo. Umwami Salomo yavugishijwe ivy’umugore  ngo yicaye ku muyango w’inzu canke ku gatwe kayo hejuru mu gisagara, agahamagara abahita. Handitswe ngo:

 » Gipfu n’umugore w’indegeteranyi, n’imburabwenge, kandi ntac’azi. Yicara ku muryango w’inzu yiwe no ku ntebe  ku gatwe hejuru ko mu gisagara, ngw’ahamagare abahita bagenda baramirije mu nzira zabo. At’umuntu wese n’aze yinjire hano; kand’abarira igipfamutima, at’amazi y’amibano arayoshe n’indya ziribwa mu mpisho ziranezereye.  Ariko wa wundi ntaba azi kw’imizimu arih’iri, kandi kw’abatumire biwe baba i bwina mu rupfu (Imigani 9:  13-18)

Image result for clocher d'église

Mur’iki cigisho muri kumwe n’umunyavyaha yagiriw’ubuntu, Balthasar Miburo

Ivyanditswe vyera bigereranya umugore n’ishengero. Kuk’umugabo ariwe mutwe w’umugore, nk’uko Kristu ar’umutwe w’ishengero (Abanyefeso 5: 23). Ariko uwu mugore avugwa na Salomo, asa n’uwutitaho ivy’urugo rwiwe; ngo n’indegeteranyi, n’imburabwenge. Iyo umuntu aregeteranya, n’ukuvuga ko aba avuga ibintu bidafise ishingiro, ibintu adafitiye icabona. Nkako hari yinshi, ishengero ry’iki gihe ryadukanye bidafise ishingiro bitaboneka no muri Bibliya. Nk’ukuvuga ngo hariho aberanda bandikwa n’umuntu mu gitabo, ndetse ngo akemeza isi yose ko abo bantu yabashize ku rutonde rw’ababa mw’ijuru. Ubutumwa bwiza buvuga ngo: « Nanje ndizwa cane n’uko hatabonetse uwushobora kuzingurura ico gitabo canke kukiraba (Ivyahishuwe 5: 4). Nta muntu wo kw’isi yokwandika uwundi mu gitabo c’aberanda, uwubifitiye ububasha ni Yesu gusa. Abazi ko bacisha amasengesho yabo ahandi atari kuri Yesu, bazogira ingorane kuri wa musi kuko « umuntu wese atanditswe mu gitabo c’Umwagazi w’intama yatanzwekw’ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi » (Ivyahishuwe 13: 8), ntazoshobora guhagarara imbere y’ubwiza bw’Imana. Abanditswe mu kindi gitabo c’abantu, ni  basanga amazina yabo atabonetse mu gitabo c’Umwagazi w’intama, bazojana n’uwabanditse mu gitabo ciwe. « Kand’umuntu wese atabonetse ko yanditswe mu gitabo c’ubugingo atererwa muri ca kiyaga caka umuriro (Ivyahishuwe 20: 15).

Nico gituma Bibliya yavuze ko uwo mugore, canke iryo shengero, ar’imburabwenge. Kuko, raba kwubah’Uhoraho nibwo bwenge, kandi kuva mu vyaha nikwo gutahura (Yobu 28: 28)

Uwo mugore ngo « Yicara ku muryango w’inzu yiwe no ku ntebe  ku gatwe hejuru ko mu gisagara,  ngw’ahamagare abahita ». Niko bimeze, kenshi usanga inkengeri zimanitswe mu minara miremire ku rwinjiriro rw’insengero canke hafi yaho. Izo nkengeri zikavuga buri gitondo, no ku masaha yagenewe gukora imihango n’amasengesho. Benshi bakava iyo bari bihuta ngo baracerewe. Salomo we ngo ntiyumvise ijwi ry’uwo mugore rihamagarira abantu gusenga Imana mu kuri. Ariko ngo rivuga ngo « Umuntu wese w’imburabwenge n’aze yinjire hano.

Salomo arakomeza ngo: »kand’abarira igipfamutima, at’amazi y’amibano arayoshe n’indya ziribwa mu mpisho ziranezereye ». Amazi nibwo bugingo. Ubwo bugingo wemererwa n’abantu budahuje n’ubugingo tubonera muri Yezu-Kristu, ubwo ntibwoba ar’ubwibano nk’uko Salomo abivuga? Ivyokurya tugaburirwa imisi yose kugira ngo dukure n’ijambo ry’Imana, niryo Yezu-Kristu nyene, kuko niwe Jambo ry’ubuzima. Ariko abantu barahinduye ivyo yavuze, bavuga ngo yabategetse kumurema mu guhezagira umukate n’umuvinyu, noneho ngo bakaba basubiriye kurema Yesu, akitanga kw’inkuka bundi busha, ngo tukamwakira tukamurya, umubiri n’amaraso. Ubwo niko Bibliya yanyu yigisha? Abasoma Bibliya Yera mu kirundi nkanje, handitswe neza ngo « murakore mutya kukirango kibe icibutso canje (Luka 22: 19). Paulo ntavuga na gato ko Yesu yazanye za hostiya mu gukora Ingaburo Yera. Ariko avuga ko Yesu yamwiganiye uko yabigenjeje, nawe avyibutsa bene Data b’i Korinto ati:  » Kukw’ico nahawe n’Umwami arico nabashikirije namwe, yuko Umwami Yesu mw’ijoro yaguzwemwo yabiriye umutsima, akawushimir’Imana, akawumanyagura, akavuga ati uwu n’umubiri wanje ubatangiwe, murahora mugira murtya kugira ngo kibe icibutso canje. N’igikombe akigenza gurtyo, bahejeje kurya, arababwira at’iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje; murahora mugira mutya uko muzonywako, kugirango kibe icibutso canje. Uko muzorya kur’uwo mutsima kand’uko muzonywera kur’ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’umwami wacu, kugez’aho azogarukira (1Abakorinto 11: 23-26).

Nta nahamwe Yesu yavuze ko umuntu ashobora kurema Imana yamuremye, ikaba n’Umucunguzi. Ni twabadushaka kuba aho Yesu ari wese, yaratubwiye aho twomusanga, si mu masengero asharijwe neza. Ariko ngo« Aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, mba ndi muri bo (Matayo 18: 20). Ivyo kuja gusaba aberanda, no gusoma ibisigi yabo, canke kubavugira ibisabisho n’amashapule, ntibiva mw’ijambo ry’Imana. N’uburyo Shetani akoresha, ngo twemere imizimu. Mpwemu Yera arabaza ati : « Mbeg’ikibereye abantu, ntibari bakwiye kubaza Imana yabo? Mbeg’ivy’abazima vyobazwa abapfuye? (Yesaya 8: 19). Abapfuye ntaco baba bakimenya (Umusiguzi 9: 5). Erega abapfuye ntibahimbaza Uhoraho (Zaburi 115: 17) . Kukw’Imana yatuboneye kera ikirushirijeho kuba ciza, kugirango abo ntibatunganywe wose tutari kumwe (Abaheburayo 11: 39).

Ariko ngo iyo wa mugore ahamagaye ari ku gatwe k’inzu hejuru,ngo igipfamutima kirinjira, « Ariko wa wundi ntaba azi kw’imizimu arih’iri, kandi kw’abatumire biwe baba i bwina mu rupfu ». Bibliya iravuga neza ko ivyo navyo ku biri mu bizotuma ishavu y’Imana ryisuka kubaba kur’iyi si,  » ku musi wo gutotora abantu rwose, aho iminara izosidukira » (Yesaya 30: 25). Uhoraho atubabarire cane, mw’izina ryera rya Yesu, Amen.

Publié dans:Non classé |on 24 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

MORIDEKAYI NA HAMANI, INTAMBARA HAGATI Y’UBWOKO BW’IMANA N’UBWOKO BWA SATANI

Maze hanyumay’ivyo umwami Ahasuwerusi akuza Hamani mwene Hamedata, Umwagagi, amushira hejuru, intebe yiwe ayirrutisha iz’abaganwa bose basabanye. Maz’abagendanyi b’umwami bose bari ku kirimba i bwami, bunamira Hamani, bakamwikubit’imbere, kuko umwami yari yamushinze ngo bamuhe ico cubahiro. Ariko Moridekayi ntiyamwunamira, ntiyamwikubit’imbere Maz’abagendanyi b’umwami bari ku kirimba ibwami babaza Moridekayi bati “Ni iki gituma uca mu cagezwe c’umwami?” Nuko bashishikara kubimubarira uko bukeye, ntiyabumvira baca babibarira Hamani ngo barabe  ibya Moridekayi uko bigenda, kuko yari yababariye ngo n’Umuyuda. Nuko Hamani abonye yuko Moridekayi atamwunamiye ngo amwikubit’imbere, aca arashangashirwa cane. Ariko abona yuko gufata Moridekayi wenyene ata cyo bimaze, kuko bari bamubwiye ubwoko bwa Moridekayi ubw’ari bwo. Ni cyo cyatumye Hamani arondera uburyo bwo kugeseza Abayuda bose bari mu bihugu vyose vy’umwami Ahasuwerusi , ari bo bwoko nyene bwa Moridekayi (Esiteri 3: 1-6).

Image result for mardochee

Mur’iyi nkuru tubona mwo umwami akomenye ariwe Ahasuwerusi, igikomangoma ciwe Moridekayi, hamwe n’abagendanyi b’umwami bose bashigikiye itegeko y’umwami ryo kwunamira Moridekayi no kumwikubit’imbere. Ariko havuzwe mwo na Morodekayi n’ibwoko bwiwe bw’Abayuda, bagirizwa ko badashobora kwunamira Moridekayi no kumwikubit’imbere.  Ivyo ngo vyatumye Moridekayi ashangashirwa cane. Yagiye no kubasabira ku mwami igihano co gupfa, abarega ngo « ivyagezwevyabo ntaho bihuriye n’ivy’ayandi mahanga.ntibitondera ivyagezwe vyawe, mwami; nico gituma, mwami bitabereye gupfa kubarekera ngaho. Nuko mwami ni wavyemera hoshingw’iteka, bakaryandika ngo barandurwe; nanje nzotanga italanto z’ifeza ibihumbi cumi, ndazihe abajejwe itunga ryawe, bazishire mu bubiko bwawe mwami (Esiteri3: 8-9). Mwabonye ko na ruswa yatanzwe kugirango bagurishe ubwoko bw’Imana?

Aba bayuda buvuzwe hano n’abari basangiye umugambi wo guhagararira Imana bashikamye mu gihe ca ba Daniyeli na bagenzi biwe. Ibi vyashitse muri nya bihe nyene aho Daniyeli na bagenzi biwe. Kuko uwu mwami Ahasuweusi ni we yavyaye umwami Dariyo (Daniyeli 9: 1). Daniyeli yarakoranye na Dariyo (Daniyeli 9: 2).  Ico gihe rero Abayuda b’ukuri bariyerekanye uko bari. Hamani we vyageze naho bamutegurira n’igiti co kumubamba, ariko uwagiteguye ni we yakibambweko nyene. « Maze Haribona, umwe mu nkone zama hafi y’umwami aravuga ati “Ndetse mu rugo rwa Hamani hashinze igiti kirekire c’intambwe mirongo itanu uciriye mu nkokora, Hamani yiteguriye kumanikako Moridekayi kandi ari we yavuze ijambo ryakijije umwami n.” Umwami arategeka ati “Abe ari cyo mumumanikaho.”Nuko Hamani bamumanika ku giti yiteguriye Moridekayi… (Esiteri 6: 13-14). 

N’Abayuda bose ntibigeze bapfa, kubera amasengesho no kwisonzesha kwabo imbere y’Imana. Nukw’Abayuda bicish’inkota abansi babo bose, barabarandura, barabaherengeteza, bagira uko bagomba abari babafitiye urwanko (Esiteri 9: 5). Tuzofata umwanya twige neza iki gitabo ca Esiteri. Ariko ico ukwiye kumenya, ukwiye guhagarara ku ruhande rw’Imana, ukivangura n’abiyita Abayuda ataibo, ariko ar’isinagogi ya Satani (Ivyahishuwe 2: 9). Dukunda kuvuga ngo Imana izodutabara mu gihe c’akaga kar’imbere. Dukwiye no kumva ko mu gihe abanyamadini bazoba bishizehamwe, n’abanyapolitike kw’isi yose, inama mpuzamakungu igacika mpuzamashengero, twebwe dukwiye kumera nk’ubwoko bwa Moridekayi n’Abayuda bose. « 

Isabato nico kimenyetso gikomeye kizokwerekana ko twemera ubutegetsi bw’Umwami, kuko niko kuri abantu bazoshingirako mu kuduhaririza (Intambar’ihambaye, urup. 341, mu congereza). Kuko Umuyuda ntashobora kuba Umuyuda atubaha amategeko y’Imana, cane cane isabato. Aba Bayuda ba Moridekayi ntaco bapfana n’abo mu gihe ca Yesu. Nico gituma dusabwe kumera nkabo. Nkuko abigira abakristu ataribo bose bazoba bifatanije n’ab’isi mu gushira hejuru isabato y’ikinyoma ya dimanche, niko n’abana b’Imana bazokwibumbira hamwe mu gusenga, mu gushing’intahe no mu gushirahejuru isabato y’Uhoraho. Ariko mwirinde abantu, kuko bazobashengerana mu manza, kandi bazabakubitira mu masinagogi yabo, bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampora, muzoba ikimenyetso kibabere icabona n’imbere y’abapagani. Ariko babashengeanye ntimuze mihagarike umutima w’uko muzovuga, canke iyo muzavuga, kuko muzobibwirwa muri uwo mwanya. Kuko atari mwe muzaba muvuga, ahu bwo ari Mpwemu wa So azobavugisha (Matayo 10: 17-20).

Urugamba ruzorangira neza. Ni hagira abagutera sinje nzoba mbagomoye, abazogutera bose bazohindikirana imbere yawe. Nta co kurwanisha bacuriye kukurwanya kizogira icyo kimara, kandi ururimi rwose ruzoguhagurukira kukuburanya uzorutsinda. Ivyo ni bvo ragi ry’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kandi uko ni ko gukiranuka kwabo guturuka kuri jewe.” Ni jewe Uhoraho mbivuze (Yesaya 54: 15, 17). Mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 24 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

UMUSI W’AMAHORO, UMUSI W’UMUNEZERO, UMUSI W’IVYISHIMO!

Image result for troupeau de chevre

TUBIPFURIJE  ISABATO NZIZA MWESE, MU BANYU NO MU VYANYU, MW’IZINA RYERA RYA YESU! AMEN

Publié dans:Non classé |on 21 octobre, 2016 |Pas de commentaires »

IVYOKURYA VYO MU GITONDO (12)

(Nta cigisho dufise c’Igihe co gusengeranira, ni mukoreshe iki)

TUVUGE IVYA MPWEMU YERA

Tumaze imisi tuvuga ivy’agakiza kava muri Yesu-Kristu, kandi nizeye ntashidikanya ko hariho benshi ibi vyigisho vyasigiye umugisha no kunguka ubumenyi mu vy’Ijambo ry’Imana. Uwu musi reka tuvuge kuri Mpwemu Yera, uwo Yesu yadusezeraniye. Handitswengo: « None ko mwebwe muzi guha abana Banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wanyu wo mw’ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye? (Luka 11: 13). Aha hakunda kugora abantu benshi gutahura. Mpwemu Yera ntapfa kwizana ngo agwe ku muntu giturumbuka. N’ingabire turungikirwa na Data kuko twayimusavye. Igihe bariko barasezerana ubwa nyuma, Yesu yabwiye intumwa ziwe ati:  » Umve, ngirango mbarungikire ico Data yasezeranye, ariko mugume mugisagara kugeza aho muzokwambikwa ubushobozi buvuye mw’ijuru (Luka 24: 49). Ubu bushobozi ntibwasezeraniwe abantu bose, bwasezeraniwe abari barahevye ivyabo bakagendanira Yesu mur’iyo myaka itatu yose.

Image result for la venue du Saint esprit

Paulo avuga ko Yesu « yiyeretse bene Data barenga amajan’atanu » (1Abakorinto 15: 6) bakoraniye hamwe imbere yo gusubira mw’ijuru. Mur’abo harimwo abinjiranye n’Intumwa mu cumba co hejuru, kuko « Abo bose basenga badahumeka n’umutim’uhuye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina… » hari hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongw’ibiri (Ivyakozwe n’Intumwa 1: 14-15). Aba nibo bamaze ya misi cumi mu cumba mu cumba co hejuru (Ivyakozwe n’Intumwa 1: 13). Basenga cane bitegurira isezerano bari bahawe, ari ryo kuza kwa Mpwemu Yera, vyatumye haboneka ibitangaza bikomeye: Umusi wa Pentekoti ushitse, bose bari bakoraniye ahantu hamwe, haza igihinda kivuye mw’ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo. Haboneka ibirimi vyigabanganya nk’ivy’umuriro, bibajako umw’umwe, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu  Yera abahaye kuzivuga. (Ivyakozwe n’Intumwa 2: 1-4). Ikibazo n’iki rero: Kuki Mpwemu Yera yaje atumbereye abariko barasenga mu cumba, ariko abari hanze ntabazeko? Inyishu ntigoye: Mpwemu yaje kubariko baramusaba. Nawe ni waba wumvira amategeko yose ya Yesu nkuko Yesu yumviye Se, nkuko intumwa zamwumviye nazo, tangura umusabe, uzomuhabwa.  

 

Ubutumwa buvuga ko Mpwemu yahereye uwo musi, yinjira mu bugingo bw’abemeye ubutumwa bwavuzwe n’Intumwa, gushitsa uwu musi tugezeko. Kuko Handitswe ngo: « Petero arabishura ati:  » Ni mwihane, umuntu wese abatizwe mw’izina rya Yesu-Kristu, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabwa ingabire, ariyo Mpwemu Yera. Kukw’isezerano ar’iryanyu kand’ar’iry’abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’Umwami Imana yacu (Ivyakozwe n’Intumwa 2: 38-39). Mfise amahirwe nk’ayo wewe nawe ufise yo kugira iri sezerano ryiza. Niba jewe na wewe twemeye tukihana ivyaha, tukabatizwa mw’izina rya Yesu, twemerewe guharirwa ivyaha vyacu no guhabwa iyo ngabire ariyo Mpwemu Yera.

 

Guharirwa ivyaha vyacu, bisaba kumenya ivyo vyaha ivy’arivyo, tukavyatura, noneho Umwami Yesu akavyuhagiza amaraso yiwe. Kumenya icaha bisaba no kumenya ibwirizwa. Kuko ntiwokwiyagiriza  icaha ata bwirizwa warenze. Kuko, « iyo habuze ibwirizwa, icaha naco kiba gipfuye » (Abaroma 7: 9). Uwuvuga ngo ndamuzi, ntiyitondere amategeko yiwe, n’umubeshi nta kuri kuri muri we. Umuntu wese akor’icaha akor’ivy’ubugarariji, kand’icaha nico mugararizo (1Yohani 2: 4 na 3: 4). Uwu Yohani yanditse aya majambo yari muri za ntumwa cumi n’umwe cumi, akaba kandi yari muri bamwe barenga ijana na mirongw’ibiri bari mu cumba co hejuru, basenga. Intumwa Yohani nawe yahawe Mpwemu Yera ku musi wa Pentekoti. Ni wumva abakubwira ko bafise ya Mpwemu bavuga ko yababohoye ku mategeko y’Imana, ntibazoba bafise Mpwemu Yera nk’uwo ba Yohani baronse kuri Pentekoti. Abo bapfa gukora uko bashoboye kwose, ngo bigane ibitangaza ba Yohani na Petero bakoreshejwe. Barakwereka ko bavuga n’indimi zitamenyekana, bakavuga ko beretswe. Kandi   impwemu ibakoresha nayo ishobora gukora ibitangaza. Ariko icerekana ko bitava kuri Mpwemu yahawe Intumwa, n’uko ukwerekwa kwabo kubayobora mu kwubaha amategeko yakomotse mu gipagani: Gukomeza umusi wa gipagani wo guseng’izuba ariwo dimanche, bitwaza ngo n’umusi w’izuka rya Yesu. Guhimbaza imisi yakomotse mu gipagani nka Noheli, pasika idahura n’iyo muri Bibliya, gusaba no gusenga abapfuye babita ngo n’aberanda, kwemeza abantu ko bashobora kurema uwabaremye mu guhezagira umukate n’umuvinyu  (Yesu yivugiye gusa ngo » ibi murabigira mu nyibuka), n’bindi vyinshi. 

 

Yesu yakoresheje iyi ntumwa Yohani, yandika ati: «  kukw’izo ar’impwemu z’abadayimoni, zikor’ibimenyetso, zija ku bami bo kw’isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana (Ivyahishuwe 16: 14).  Bararwanya ukuri kwanditswe muri Bibliya, cane cane isabato Yesu n’Intumwa Intumwa baruhutse bakiri kw’isi. Bavuga ngo n’iya Mose, ariko bakibagira ko, ahanditswe isabato, niho handitswe ngo:  Usonere so na nyoko, Ntukice , Ntugasambane, Ntukibe, Ntubeshe, , n’ayandi. Ego reka tubemerere ko ayo mategeko yanditswe mu gitabo ca Mose nkuko bavyivugira (ariko yanditswe ku bisate bibiri vy’amabuye, yanditswe n’urutoke rw’Imana, s’urwa Mose). None ar’ukwifatanya n’amategeko Imana yahaye  Mose, canke kwifatanya n’amategeko akomoka mu gibapagani, mu misi mikuru yabo no guseng’imizimu, mu kunywa no mu kurya nkabo, icoba ciza n’ikihe? Ariko kuko badafise Mpwemu yahawe Intumwa, ntibashobora kwemera isabato intumwa zaruhutse. Kuko ntaco bapfana n’Intumwa za Yesu. Burya Yesu yarabona kure: Yavuze ati: « Arik’uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobahishuka ukuri kwose, kuko atazovuga ivyo yigeneye (Yohani 16: 13). Yesu yakoresheje iryo jambo, ngo « Mpwemu w’ukuri », kuko yabona ko hariho na « mpwemu w’ikinyoma » (wa magendo canke wa  pirate, fake mu congereza) yariko araza ngo yivange mw’ishengero. N’uwo mpwemu wundi rero yakomotse i Babuloni mu basengazuba bo kumusi w’izuba ( Sun day), niwe bahaye ab’i Pergamo (Ivyahishuwe 2: 13), bamushikana n’i Roma, none ubu yakwiye isi yose, akwirakwizwa na Roma n’amashengero ayikomokako. Bazokwereka imirongo myinshi yo gushigikira iyo dimanche yabo, ariko wibuke ko Bibliya ivuga ko mw’ijuru tuzohimbaza isabato, nta dimanche izobayo. Handitswe ngo  » no guhera kw’isabato ukageza ku yindi, abantu bazokwama baza gusenga imbere yanje (yesaya 66: 23). Ivyo vyose ntibavyerekwa. Kuba abanyagihugu bo mw’ijuru rero bisaba kwemera ivyo ijuru rigutegetse. « Umunyavyaha naho yogirirwa neza, nta ho yokwiga kugororoka, mu gihugu c;abagororotsi, azohakorera ububegito, kandi ntazokwitegereza ubwiza bw’Uhoraho (Yesaya 26: 10). Nivyo kuko Imana yihenze ikamugeza aho hantu, ku murwa w’Imana,  yohava ashaka aho azoza kugirira ivya dimanche yiwe kandi bitemewe. Nico gituma  » kuri wo ntihazogera ikintu gihumanya, cake uwukora ibizira, akabesha,atar’abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi » (Ivyahishuwe 21: 27). Bavuga ko hoba hariho uwundi muntu yanbdika abantu mu gitabo ciwe ngaha kw’isi akabita aberanda, ariko uweo afise aho azobajana, kuko igitabo canditswemwo abanyagihugu bo mw’ijuru gifiswe na wa Mwagazi gusa. (Ivyahishuwe 5: 3-5 na 21: 27).

Paulo we yaravyeretswe, aravuga ati : « Abameze bartyo n’Intumwa z’ibinyoma, n’abakozi b’uburyarya, bigira intumwa za Kristu. Kand’ivyo ntibitangaza kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco. N’uko s’ikigoye kw’abakozi biwe nabo bigira nk’abakozi b’ukugororoka, iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo (2Abakorinto 11: 13-15). Ni waba ufise Mpwemu Yera akomoka kuri Data, yasezeranywe na Yesu, akaba ariwe yahawe Intumwa n’abakristu ba mbere, ngira nkwibutse nkuko Mpwemu nyene yibukije ishengero  ry’Abanyisraeli ati :  » Ejo n’umusi wo kuruhuka, isabato yarobanuriwe Uhoraho » (Kuvayo 16: 23). Dimanche s’umusi wo kuruhuka ku bantu bafise Mpwemu Yera. Yesu ntiyahinduye itegeko, kuko yariyamirije abigisha ivyo binyoma ngo :  » Ntimugire ngo naje gusenyur’ivyagezwe canke ivy’abavugishwa n »imana (Matayo 5: 17).

Niwaba ariko wahora nawe uvyibaza, ehe raba neza, Yesu ntimuvuga rumwe. Aho hafi y’i wanyu hariho aho bene Data baruhukira isabato. Mpwemu Yera aze gusanganire mu rusengero rwiwe, nawewe uhave ucike urusengero rwiwe mw’izina ryera rya Yesu. Amen

 

Publié dans:Non classé |on 21 octobre, 2016 |Pas de commentaires »
1234

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire