TWIGE IVYAHISHUWE 1: 4-8

TWIGE IVYAHISHUWE 1: 4-8

Jyewe Yohana, ndabandikiye mwebwe abo mu matorero arindwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwe n’amahoro biva ku Mana iriho kandi yahozeho kandi izahoraho, biva no ku Myuka irindwi iri imbere y’intebe yayo no kuri Yesu Kristo, ari we mugabo wo guhamya ukiranuka n’imfura yo kuzuka, utwara abami bo mu isi, udukunda kandi watwejeshejeho ibyaha byacu amaraso ye,  akaduhindura abami n’abatambyi/n’abaherezi b’Imana ye ari yo na Se, icyubahiro n’ubutware bibe ibye iteka ryose, Amen. Dore arazana n’ibicu kandi amaso yose azamureba, ndetse n’abamucumise na bo bazamureba, kandi amoko yose yo mu isi azamuborogera. Na none, Amen. “Ndi Alufa na Omega, itangiriro n’iherezo”, ni ko Umwami Imana ivuga, iriho kandi yahozeho kandi izahoraho, ari yo ishobora byose (Ivyahishuwe 1: 4-8).

Iki gice tumaze gusoma cavuye muri Bibliya Yera mu kinyarwanda. Amajambo adasobanukira abarundi, turaza kuyasobanura hagati mu cigisho. Muri kumwe n’umunyavyaha yagiriwe ubuntu, mwene So musangiye intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo

TWIGE IVYAHISHUWE 1: 4-8

Iki gice cibutsa ivyerekeye amabaruwa indwi yandikiwe amashengero indwi yo muri Aziya. Kiravuga n’ivyerekeye Imyuka/Impwemu indwi ziri imbere y’intebe y’Imana.  Izi mpwemu indwi, har’aho Bibliya izita amaso y’Imana ngo areba hirya no hino mw’isi, aho abagororotsi b’Imana bari hose. Reka tubisome: « Nuko mbona hagati ya ya ntebe na bya bizima bine no hagati ya ba bakuru, Umwana w’Intama ahagaze asa n’uwishwe, afite amahembe arindwi n’amaso arindwi ari yo Myuka irindwi/impwemu indwi z’Imana itumwa kujya mu isi yose (Ivyahishuwe 5: 6). Kuri iryo buye rimwe harikw’amaso indwi. Ya yandi indwi nizo nyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw’isi yose hirya no hino (Zakariya 3: 9, 4: 10). Kand’inyonga z’Uhoraho z’inyuranganya mw’isi yose hirya no hino, kugirango yerekane ububasha bwiwe,  bwo gutabara abafise imitima imutunganiye (2Ngoma 16: 9).

Ico gice kiratangaza neza ko Yesu-Kristu ariwe mugabo wo guhamya/gushing’intahe, imfura yo kuzuka mu bafuye: Ibi n’ukuri kuko niwe ashingira intahe ivy’azi, kuko twese tuvuga Imana tutarayibona.« Nta muntu yigeze kubon’Imana na rimwe, Umwana w’ikinege aba mu gikiriza/mugituza ca Se,niwe yayimenyekanishije (Yohani 1: 18). Twese tuvuga ivyo tutarabona, tubivugishwa no kwizera. « S’ukugirango har’uwabonye Data, atar’uwavuye ku Mana uwo niwe yabonye Data (Yohani 6: 46).

Niwe mfura yo kuzuka mu bapfuye, kuko yarazutse ngo yerekane imbere y’isi n’ijuru ko urupfu ata bubasha rufise kuri we no ku bazomwizera. Ku musi w’izuka rya mbere, » umuntu wese mu mwanya wiwe; Kristo ni we mushuzo, maze aba Kristu bazobonerwa bazuke, aho azozira (1Abakorinto 15: 23). Kristu ni we Mwami w’abami,kuko naho bokwigira agakomeye hamwe n’abasirikare babo bose, ntaco bomukorako. Mpwemu amushingira intahe ati: « Ivyo bizoshira,ariko weho uzohoraho, mber’ivyo vyose bizosaza nk’impuzu, uzobikuranya nk’impuzu bikuranwe n’ibindi, ariko weho ur’uko wamye, imyaka yo kubaho kwawe ntizogira iherezo (Zaburi 102: 26-27).

Iryo jambo ry’Imana ryavuze neza ko ariwe adukunda, yatwogesheje ivyaha vyacu n’amaraso yiwe. Aradukunda,yatanze amaraso yiwe kugirango atwigarurire. Ni wo mugambi wiwe wo kudukwegesha imigozi y’urukundo, akaduhindura abami n’abaherezi b’Imana yiwe ariyo Data. Yarabivuze arabitomora hasigaye imisi mikengo adupfire, ati: « Nanje ni namanikwa hejuru y’isi nzokwikwegerako bose (Yohani 12: 32). Kuki utareka ngo urukundo rwiwe rugukwege rukugeze musi y’umusaraba,ngo iyo kamere yawe y’icaha ihambanwe nawe, ngo uzukane nawe mu bugingo bushasha? Erega, « umuntu wese, iyo ari muri Kristu, aba abaye ikiremwa gishasha: ivyakera biba bihise, vyose bigahinduka bishasha (2Abakorinto 5: 17).

Dore arazana n’ibicu kandi amaso yose azamureba, ndetse n’abamucumise na bo bazamureba, kandi amoko yose yo mu isi azamuborogera. Na none, Amen (Ivyahishuwe 1: 7). Ivyo bahora batubesha ngo hazoba inzamba y’akabanga, ngo abo bayoboke ba dimanche bagende mw’ibanga si vyo. Kuko twarize kenshi ko uwo Yesu ahamagarira abantu kuruhuka dimanche ntaco apfana na Yesu yabambwe i Gologota. Uwabambwe, Eh’arazanana n’ibicu,kand’ijisho ryose rizomwibonera,n’abamucumise bazomubona… Niko biri Amen. Niwe Alufa na Omega, itangiriro n’iherezo”, ni ko Umwami Imana ivuga, iriho kandi yahozeho kandi izahoraho, ari yo ishobora byose (Ivyahishuwe 1: 7- 8).

Iki n’igihe co kwitegura gucika mu migozi twaboheshejwe n’amashengero y’ibinyoma, tukitegurira kuja gusanganira Umwami ku bicu. « Kuko Umwami ubwiwe azoza amanutse ava mu ijuru afise ijwi rirenga, hamwe n’ijwi rya marayika mukuru n’impanda, n’inzamba y’Imana, nuko abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka, maze natwe abazaba bakiriho basigaye duhereko tujyananwe na bo, tuzamuwe/duteruramwe mu bicu gusanganirira Umwami mu kirere. Nuko rero tuzabana n’Umwami iteka ryose. Nuko mumaranishe imibabaro kubwirana ayo magambo (1Abatesalonike 4: 16-18). Mw’izina ryera ryaYesu.Amen.

Publié dans : Non classé |le 17 août, 2016 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire