Archive pour août, 2016

SMARTPHONE BUJUMBURA

http://www.cafepress.ca/+bujumbura+phone-cases

Publié dans:Non classé |on 31 août, 2016 |Pas de commentaires »

IGIHE CO GUSENGERA IGIHUGU CACU C’UBURUNDI

MBESE UBWO IMANA NTIYOBA IRINDIRIYE ISENGESHO RYAWE KUGIRANGO IKORE IBITANGAZA?

***************************************************************************
UMUGOROBA W’AMASENGESHO

Ku wa Gatanu, igenekerezo rya 2 Nyakanga 2016.

Kuva saa 12 z’umugoroba
**************************************************************************

… »hakagira usenga akinginga, naho yob’umwe, canke abantu bawe bose b’Abisraeli{b’Abarundi}, umuntu wese ukw’azoba yimenye ko ingwara yo mu mutima wiwe, akagaranzura amaboko ayatumbereje iyi ngoro; nuko uz’uvyumve uri mw’ijuru ah’uba, ugire ikigongwe, ugire ic’ukora; ugenze umuntu wese nk’ukw’ameze, wewe uzi umutima wiwe; kukw’ari wewe wenyene uzi imitima y’abantu bose; kugirango baze bahore bagutinya imisi yose bazomara bakiriho, mu gihugu wahaye basogokuruza bacu (1Abami 8: 38-39).

Image result for burundi map

Mur’iyi misi nashize umutima cane kuri iri sengesho ryiza ry’umwami Salomo. N’isengesho rirerire ryo gusengera igihugu, yarivuze ahejeje gushikiriza Uhoraho urusengero rushasha rw’i Yerusaremu. Ariko iyi mirongo ya 38 na 39, nabonye ko irimwo amajambo yotuma mu gihugu cacu habonekamwo amasigarira. Mu kibanza c’iri jambo ngo « Abanyisiraeli » nahashize Uburundi, kuko turakeneye iri sengesho rwose i wacu. Mbese burya umurundi nka jewe na wewe mubona vyoroshe kwimenya ko ingwara yo mu mutima?  » Ninde ashobora kwimenyako amafuti? (Zaburi 19: 12)

Jewe nibaza ko bisaba ko twofata akanya tukareka « umuganga mukuru, Mpwemu Yera/Mutima Mweranda akadusuzuma », hanyuma bibaye ngombwa tukemera tugahindura ingendo. Yesu ati:  » Nijewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese ibihwanye n’ivyo mwakoze » (Ivyahishuwe 2: 23).

Har’igihe ububi twiyiziko atari bwo bubi gusa buri mu mitima yacu, ariko umuco w’ijambo ry’Imana umaze kurasira mu mfuruka z’umutima wacu, muri twa dufuruka tudakunda gukubura, twosanga hariho utuntu twabitse, kandi tukaba aritwo twabaye intandaro y’ubupfu bwacu bwose.  » Kukw’ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubw’inkota zose, rikinjira naho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’imisokoro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira  » Abaheburayo 4: 12)

Ibi ntaco bipfana n’idini canke ibindi vyose mwoshobora kwiyumvira. Nico gituma vyoba vyiza mubihererekanije, abadasangiye amashengero, abadasangiye umusozi, abakuru n’abato, uw’ariwe wese, kugirango kur’uwo mugoroba haze haduge urunani rw’amasengesho imbere y’Intebe y’imbabazi mw’ijuru. Abo muzi bakaba badafise facebook, mushobora no kubahamagara, canke mukabibabwiza umunwa.  » Maze bantu banje bitirirwa izina ryanje ni bicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nuko nanje nzokwumva ndi mw’ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo. Uhereye ubu, nzokwama ntereza inyonga zanje ndabe, ntege amatwi amasengesho asengerwa aha hantu (2Ngoma 7: 14-15). Ahantu uzovugira iri sengesho, ur’umwe canke babiri, ntuze wibagire kuzoza uhagaruka kenshi, kuko Uhoraho azokwama yumva isengesho rivugiwe aho hantu.

Yesu yavuze ati: « Kandi ndababwira ukuri yuko ababiri muri mwebwe ni bahuriza inama mw’isi gusaba ikintu cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera. Kukw’aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo (Matayo 18: 19-20). Niba ata ngorane vyoteza, mubaye babiri canke batatu mur’iryo sengesho vyoba ari vyiza cane, ariko ntimurenze batatu.

Singombwa ngo abo uzobibwira bose bavyemere. Kuko n’ijambo ry’Imana ryavuze ngo  » Naho yob’umwe ». Erega hariho aho ubutumwa buvuga ngo: « Kandi narondeye umuntu muribo yosana uruzitiro, agahagarara imbere yanje mu kirengero ahagarariye igihugu, ngo noye kugihonya; ariko nta numwe nabonye (Ezekiyeli 22: 30). Mbese uwo muntu Imana ishaka ubwo ntaho yoba ari wewe canke jewe?

Abo tumenyereye gukorana, twari tumaze gufata akamenyero ko gusenga ku wa 3 no ku wa 5 sakumi na zibiri z’umugoroba, ariko munkundiye, mwokora « SHARE/PARTAGER » kuva uwu musi, kugirango iri jambo rigere kuri benshi bashoboka, kugirango tuze tugaranzurire amaboko Imana turi benshi ku wa 5, igenekerezo rya 2 Nyakanga 2016 ku mugoroba, twisengere kugira ngo duhinduke kandi n’igihugu cacu gihinduke kibe icibare c’Imana koko.

Kugirango dukore nk’ABANYAMASENGESHO koko, ababishoboye mwokwisonzesha, kandi tugatangura kare: Saa 12 z’umugoroba.
****************************************************************************
Muri make n’ukuvuga ngo, abavyemeye, ndabinginze tuze tugire:
UMUGOROBA W’AMASENGESHO
Ku wa 5, igenekerezo rya 2 Nyakanga 2016.
Kuva saa 12 z’umugoroba
Ufise ikibazo, kirungike kuri email: labiblepriere@yahoo.fr

Publié dans:Non classé |on 28 août, 2016 |Pas de commentaires »

NTA MUHINGA W’IKIRERE ABAHO, NI MUZE DUSABE UHORAHO IMVURA Y’AGATASI/Y’UMUHINDO

URUNANI RW’ABANYAMASENGESHO, ITARIKI24 MYANDAGARO/KANAMA 2016, SAA12 Z’UMUGOROBA KW’ISAHA Y’I BUJUMBURA/KIGALI

++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++

Abo twafatanije isengesho ryo gusengera Uburundi, ndabibutsa ko tuzogira ikindi gihe co gusengera igihugu kw’itariki 02/09/2016

++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++

Igihe ciza co gusaba imvura y’agatasi/y’umuhindo

Uhoraho abe ariwe musaba imvura ngw’igwe mu gihe c’itasura, muyisabe Uhoraho arema imiravyo; nawe azobaha imvura y’umuvuvu umuntu wese amumereze imirima (Zakariya 10: 1).

NTA MUHINGA W'IKIRERE ABAHO, NI MUZE DUSABE UHORAHO IMVURA Y'AGATASI/Y'UMUHINDO

Hamaze imisi havugwa inkuru ku maradiyo ngo:  » Mur’uwu mwaka nta mvura izoboneka yo ku gatasi, ngo naho yogwa yogwa mu kwa 12 naho nyene ikagwa ari nkeyi ». Twe abana b’Imana dukwiye kwirinda kwemera inkuru nk’izo, kuko n’aho abahinga b’ibirere babaho, Mpwemu Yera twarungikiwe na Data wo mw’ijuru, avugira muri twebwe, ngo: « Mu bigirwamana vy’amahanga vy’imburakimazi har’ivyoshobora kurema imvura? Canke ijuru ubwaryo ryoshobora kurekur’imvura y’umurindi? Mbega uwubishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Nico gituma tukwitega kw’ari wewe waremye ivyo vyose (Yeremiya 14: 22).

 

Mu gihe abandi bazoba bahanze amaso ku banyabwenge b’ibirere babo, twebwe dukwiye kwerekana abo turi, ntitwirire nk’abadafise ivyizigiro. Bo bapfa kuraba mu buhinga bwabo bigiye mu mashule ya hano mw’isi, ariko  » Ninde yaciriye isegenya imigende imanukana, canke ninde yaciriye inzira umuravyo w’inkuba; kugirango arekurire imvura mu gihugu kitagiramwo abantu… ngw’ahembure ahantu h’uruharabuga hagadutse, ngw’ahameze ubwatsi butotahaye? Mbeg’imvura iri na se? Canke ninde yavyaye udutonyanga tw’ikime? Ni nde yogira ubwenge bwo guharur’ibicu? Canke ninde yoshoshobora gucuranura amazi yo mu mibindi yo mw’ijuru; igihe umukungugu uhinduka ivyondo, ibinonko bikamatana hamwe? (Yobu 38: 25-28, 37-38). 

 

Birashoboka ko Uhoraho yoba aratenyenya, imvura igateba gato kugirango arabe ukwizera kwawe ukwo kumera mu kigeragezo. Ariko uko biri kwose, Uhoraho aramira abatemba bose, agorora abahetamye bose. Vyose bimuhang’amaso nawe akabigaburira ivyokurya vyayo igihe kigeze. Apfumbaturura igipfunsi ciwe, agahaza ukwipfuza kw’ibiriho vyose (Zaburi 145: 14-16). N’uko rero ntimukizere abanyabwenge b’iki gihe, « kuk’ubwenge bw’iyi si ar’ubupfu ku Mana » (1Abakorinto 3: 19).

Dukwiye gutangura gusaba iyo mvura hakiri kare, ntitukwiye gutangura gusenga mu gihe ibintu bizoba bimaze kwononekara.  « Maze ni mwagir’umwete wo kwumvira ivyagezwe mbaha uwu musi mugakunda Uhoraho Imana yanyu, mukamukorera mibiherejeko imitima yanyu yose n’ubugingo bwanyu bwose, igihugu canyu azokirekurira imvura mu bihe vyayo, imvura y’agtasi n’iy’urushana … (Gusubira mu Vyagezwe 11: 13-14)

Uhoraho aduhe kuzogira agatasi keza mur’uwu mwaka, mw’izina ryera rya Yesu, Amen

ABO DUSENGERA

Dusengere abantu baronse ibi vyigisho ubwa mbere, kandi tubahaye ikaze. Dusengere Revocat nawe avuga ko yumvise ko ijwi ry’Imana rimubwira kugaruka ku kwubaha Imana no kuzoririza isabato yayo. Dusengere Meshaki ngo aronke abo baterana kw’isabato. Dusengere murumuna wa Chadrack apfunzwe kugira ngo Uwiteka amugirire ubuntu. Dusengere abantu bane muri twebwe bitegurira kubatizwa. Tubandanye gusengera Lea. Twishimane na Rosine twasengeye akaba yabonye akazi. Twishimane na John twasengeye agwaye akaba yarakize. Nuko dutangure kandi dusabe imvura rero.

Igihe c’amasengesho ni ku wa 3 usanzwe ariwo wa 4 w’isabato, no ku wa 5 usanzwe, ariwo wa 6 w’isabato, umusi wo kwitegura. Amasengesho atangura igihe cose saa kumi na zibiri. Aho woba uri hose usabwe guca uhagarika ivyo warimwo ukifatanya na bene Data hirya no hino kw’isi, mw’isengesho.

 

Publié dans:Non classé |on 23 août, 2016 |Pas de commentaires »

IGIHUGU GITEGEKWA N’ABANA N’ABAGORE (Yesaya 3: 4, 12)

IGIHUGU GITEGEKWA N’ABANA N’ABAGORE

Nzobaha abana babe aribo babatwara, kand’imicuko niyo izobaganza. Yamar’abantu banje abana nibo babacuranguza, kand’abagore nibo babaganza. Yemwe bantu banje, ababayobora barabazimiza, kandi bazimanganya inzira mwociyemwo. Uhoraho azoshira abakuru b’abantu biwe n’abaganwa babo mu rukinja, ati Ni mwebwe mwakomye uruzabibu, ivyo mwanyaze impahazwa biri mu ngo zanyu (Yesaya 3: 4, 12, 14).

IGIHUGU GITEGEKWA N'ABANA N'ABAGORE (Yesaya 3: 4, 12) 210557-angleterre-leglise-anglicane-dit-oui-a-lordination-des-femmes-eveques-622x0-1

Hari ukuri kuvugwa muri Bibliya, abigisha badashaka kuvuga, kuko nkuko abarundi bakunda kubivuga,ngo  » Ntawimena ikiyimba ». Mur’iki cigisho muri kumwe n’umunyavyaha yagiriwe ubuntu, akaba n’umukozi wanyu mu Mwami, ni mwene So musangiye intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo.

Iri jambo ry’Imana ntirivuga ku gihugu icarico cose mu bihugu vyo kw’isi. Havugwa abayobozi bayobora abantu b’Imana, aribo twita mu yandi majambo  » abakozi b’Imana ». Mvuze ngo tubita « abakozi b’Imana », kuko s’Imana yabahaye iryo zina, barihawe n’abantu. Abasomyi ba Bibliya barazi ko  » abakozi b’Imana », ar’abayobozi ba Leta n’abacunga umutekano (Abaroma13: 4, 6). Mu bisanzwe, abakora igikorwa c’Imana, harimwo « intumwa, abavugishwa nawe, abavugabutumwa, abungere n’abigisha » (Abanyefeso 4: 11). Mur’abo, harimwo abashoboye gukora igikorwa co kuba « abazezwashengero, n’abakozi b’ishengero » (1Timoteyo 3: 2, 8).

Har’abantu rero bahabwa amabanga yo gukora mu nzu y’Imana bataratahura ico bari bukore, nibo Bibliya yita abana, mbere abana b’imicuko. Umuntu ataramenya n’ivyo akwiye kwihana ubwiwe, akifata nk’abapagani akagendana nabo, agasangira nabo, akirirwa mu makarata no mu rubuguzo, mu nsaku no mu bihuha vyo ku marigara, akaba ataramenya uko yambara canke uko akoresha ururimi riwe neza ngo aheshe agaciro izina rya Kristu yitirirwa, « uyo, azokwigisha nde ubwenge? Mbega n’abacutse n’abauye kw’ibere? (Yesaya 28: 9). Abo nibo ijambo ry’Imana ryitwa imicuko, kuko babaha kuyobora ibisata y’urwaruka, ivugabutumwa, ubudiyakoni, kubwiriza ku ruhimbi n’ibindi, ariko, ata kintu bazi. Uko biri kwose abayobozi nibo baba bafise inyungu n’intumbero bashaka gushikako mu kwemera ko uwo muntu aba umuyobozi. Ibi bikunda kuvamwo imyidogo no kuva mw’ishengero baja mu rindi, ngo baronke akarusho. Kenshi bashobora no kurema amashengero mashasha kubera ishavu, kandi n’abo bayaremye nabo baba ata kintu bafise co kwigisha. « Abantu banje, babaye intama zazimiye; abungere babo barabajimije, babahubirije ku misozi bava ku musozi baja ku wundi, bibagiye uburuhukiro bwabo » (Yeremiya 50: 6).

Ibi s’ivya vuba, kuko no mu gihe ca Yesu, abayobozi bayobora nabi cane ishengero, ariko abantu bakabatinya kuko babahatira kwemera ko ar’abakozi b’Imana ariko mu vy’ukuri bar’ababeshi, abakozi ba Satani. N’abakuru b’ishengero benshi bari babonye ko Yesu arusha Abafarisayo kwigisha neza. Ubutumwa bwiza buvuga buti:  » Yamara no mu bakuru, benshi barizeye Yesu, ariko kubw’Abafarisayo, ntibavyatura, kugirango boye gucibwa mw’isinagogi, kuko bakunda icubahiro c’abantu kukirutisha ic’Imana (Yohani 12: 42-43). 

Abigisha b’ibinyoma, ntibakunda guhangana n’ukuri. Kuko iyo ukuri  kubateye igitsure bakorwa n’isoni bakwumva ko bambaye ubusa. Ivyo badendekeranya vyose bica bimera nka bimwe vya Adamu na Heva,« bamenye ko bagenda amenya, badandikanya ibibabi y’umuvumuvumu, bironkeramwo uducocerwa (Itanguriro 3: 7). Nico gituma Imana ibita abagore, ikavuga ko igihugu cayo gisigaye kigazwa n’abagore. « Sinkundira ko umugore yigisha canke ko aganza umugabo » (1`Timoteyo 2: 12). Burya iyo Bibliya ivuze ko ur’umugore, iba igushize mu kibanza c’umuntu adashoboye gufata ingingo adafise uwumugira inama.

Iyo bishitse umugore akarusha ubwenge abagabo, ico gihe umugabo ntaba akiri mu kibanza ciwe, kandi Imana ishobora no kubimuhanira. Ni mwumve amajambo yavuzwe n’umugore wa Nabali, imbere ya Dawidi,  abonye ko abana n’umugabo w’igipfu. Yagize ati: » Ndakwinginze mwami wanje woye kwiyumvira kur’uwo muntu w’umugesera Nabali. Izina ni ryo muntu, Nabali ni ryo zina ryiwe, kand’ubujuju ni ko kameremere kiwe (1Samweli 25: 25). Uwu mugore yavuze vyinshi ahoyahoya Dawidi ngo ntagabe igitero mu rugo rwiwe na Nabali, ariko Nabali yari yaborewe, kandi yari yatutse Dawidi ngo  ni « umushumba yatorotse shebuja » (1Samweli 25: 10). Imana ntiyashimishijwe n’ukuntu uwo mugabo arushwa ubwenge n’umugore wiwe. « Hashize imisi nk’icumi, Uhoraho akubita Nabali aramwica (1Samweli 25: 38). Mu vyo Adamu yazize, ico nico caha ca mbere Uhoraho yamwagirije. Yamubwiye ngo:  » Ko wumviye ijwi ry’umugore wawe… (Itanguriro 3: 17).

Benshi bakunda kwitwaza ngo Debora yabaye umucamanza. Ariko ubutegetsi bwa Debora ntibwari icubahiro ku bagabo, ah’ubwo car’igihano Uhoraho abahaye, nk’umuvumo, kuko bose bari baguye mu bupfu. Uwo mugore ni we yar’asigaye agororokeye Imana. Yavuze ati: « Ntihari hagisigaye abo kuyobora Abanyisraeli, kugeza ubwo jewe Debora nahagurutse, mpaguruka nd’umuyeyi w’Abisirayeli. Igihe bitoraniriza izindi mana, intambara zaciye zishika mu marembo yabo (Abacamanza 5: 7-8). Niko bizomera no kur’aya mashengero yacu atanguye guha ubuyobozi abakenyezi, ngo babe abapasitori, abakuru b’ishengero. Ntimwibaze ngo mw’ijuru birabanezereye. Ni mwabona ijuru ritwururukiyeko, ntimuze mugire ngo n’ibindi bindi.

Mur’iyi si abagabo babaye gute? Mu vy’ukuri dutegerezwa kwuzuzanya, abagabo bakamenya umwanya wabo, abagore bakamenya umwanya wabo nk’abafasha, niho vyose yogenda neza n’ijuru rikaduhezagira. Uru rutonde rugomba gutangurira mu nzu, imbere yo gushika mu rusengero. « Kuko umugabo ariwe mutwe w’umugore wiwe, nkuko Kristu ariwe mutwe w’ishengero (Abanyefeso 5: 23). Iyo umugore abaye pasitori abantu bakamuyoboka, ntibisigura ko Imana iba imwemeye. Kuko kuronka abantu s’igitangaza, n’abapfumu bararonka abayoboke, n’abakora inama z’ibibi bararonka abantu. Uhoraho ashaka umuntu naho yoba umwe, ariko akagendera mu kuri.

Ubwoko bw’Imana bukwiye kwitonda mu gufata ingingo ku bijanye n’abakenyezi, cane cane mu vyo kuyobora mu nzu yayo. Abagabo bafise intege nke nk’abagore, canke abagore nyene ntibakwiye kuzezwa ubuyobozi bw’amashengero, kireka ni ba dushaka kuzobona urwo Nabali yabonye, canke tukamera nka Adamu yakunze umugore wiwe akadukwegera urupfu. Ubutumwa buvuga buti: « mwame mugavye, mushikame mu kwizera, mube abagabo (1Abakorenti 16: 13). Bene Data, ntimube abana mu bwenge, ariko mube ibitazi mu bibi, ariko mu bwenge, mube abagabo (1Abakorinto 14: 20)

N’uko rero Uhoraho n’aduhe kwisubirako. Naho mu b’isi bigisha  uburinganire bw’ibitsina, mu nzu y’Imana dukwiye kugendera ku rutonde rwiza rw’Imana, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 19 août, 2016 |Pas de commentaires »

TWIGE IVYAHISHUWE 1: 4-8

TWIGE IVYAHISHUWE 1: 4-8

Jyewe Yohana, ndabandikiye mwebwe abo mu matorero arindwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwe n’amahoro biva ku Mana iriho kandi yahozeho kandi izahoraho, biva no ku Myuka irindwi iri imbere y’intebe yayo no kuri Yesu Kristo, ari we mugabo wo guhamya ukiranuka n’imfura yo kuzuka, utwara abami bo mu isi, udukunda kandi watwejeshejeho ibyaha byacu amaraso ye,  akaduhindura abami n’abatambyi/n’abaherezi b’Imana ye ari yo na Se, icyubahiro n’ubutware bibe ibye iteka ryose, Amen. Dore arazana n’ibicu kandi amaso yose azamureba, ndetse n’abamucumise na bo bazamureba, kandi amoko yose yo mu isi azamuborogera. Na none, Amen. “Ndi Alufa na Omega, itangiriro n’iherezo”, ni ko Umwami Imana ivuga, iriho kandi yahozeho kandi izahoraho, ari yo ishobora byose (Ivyahishuwe 1: 4-8).

Iki gice tumaze gusoma cavuye muri Bibliya Yera mu kinyarwanda. Amajambo adasobanukira abarundi, turaza kuyasobanura hagati mu cigisho. Muri kumwe n’umunyavyaha yagiriwe ubuntu, mwene So musangiye intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo

TWIGE IVYAHISHUWE 1: 4-8

Iki gice cibutsa ivyerekeye amabaruwa indwi yandikiwe amashengero indwi yo muri Aziya. Kiravuga n’ivyerekeye Imyuka/Impwemu indwi ziri imbere y’intebe y’Imana.  Izi mpwemu indwi, har’aho Bibliya izita amaso y’Imana ngo areba hirya no hino mw’isi, aho abagororotsi b’Imana bari hose. Reka tubisome: « Nuko mbona hagati ya ya ntebe na bya bizima bine no hagati ya ba bakuru, Umwana w’Intama ahagaze asa n’uwishwe, afite amahembe arindwi n’amaso arindwi ari yo Myuka irindwi/impwemu indwi z’Imana itumwa kujya mu isi yose (Ivyahishuwe 5: 6). Kuri iryo buye rimwe harikw’amaso indwi. Ya yandi indwi nizo nyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw’isi yose hirya no hino (Zakariya 3: 9, 4: 10). Kand’inyonga z’Uhoraho z’inyuranganya mw’isi yose hirya no hino, kugirango yerekane ububasha bwiwe,  bwo gutabara abafise imitima imutunganiye (2Ngoma 16: 9).

Ico gice kiratangaza neza ko Yesu-Kristu ariwe mugabo wo guhamya/gushing’intahe, imfura yo kuzuka mu bafuye: Ibi n’ukuri kuko niwe ashingira intahe ivy’azi, kuko twese tuvuga Imana tutarayibona.« Nta muntu yigeze kubon’Imana na rimwe, Umwana w’ikinege aba mu gikiriza/mugituza ca Se,niwe yayimenyekanishije (Yohani 1: 18). Twese tuvuga ivyo tutarabona, tubivugishwa no kwizera. « S’ukugirango har’uwabonye Data, atar’uwavuye ku Mana uwo niwe yabonye Data (Yohani 6: 46).

Niwe mfura yo kuzuka mu bapfuye, kuko yarazutse ngo yerekane imbere y’isi n’ijuru ko urupfu ata bubasha rufise kuri we no ku bazomwizera. Ku musi w’izuka rya mbere, » umuntu wese mu mwanya wiwe; Kristo ni we mushuzo, maze aba Kristu bazobonerwa bazuke, aho azozira (1Abakorinto 15: 23). Kristu ni we Mwami w’abami,kuko naho bokwigira agakomeye hamwe n’abasirikare babo bose, ntaco bomukorako. Mpwemu amushingira intahe ati: « Ivyo bizoshira,ariko weho uzohoraho, mber’ivyo vyose bizosaza nk’impuzu, uzobikuranya nk’impuzu bikuranwe n’ibindi, ariko weho ur’uko wamye, imyaka yo kubaho kwawe ntizogira iherezo (Zaburi 102: 26-27).

Iryo jambo ry’Imana ryavuze neza ko ariwe adukunda, yatwogesheje ivyaha vyacu n’amaraso yiwe. Aradukunda,yatanze amaraso yiwe kugirango atwigarurire. Ni wo mugambi wiwe wo kudukwegesha imigozi y’urukundo, akaduhindura abami n’abaherezi b’Imana yiwe ariyo Data. Yarabivuze arabitomora hasigaye imisi mikengo adupfire, ati: « Nanje ni namanikwa hejuru y’isi nzokwikwegerako bose (Yohani 12: 32). Kuki utareka ngo urukundo rwiwe rugukwege rukugeze musi y’umusaraba,ngo iyo kamere yawe y’icaha ihambanwe nawe, ngo uzukane nawe mu bugingo bushasha? Erega, « umuntu wese, iyo ari muri Kristu, aba abaye ikiremwa gishasha: ivyakera biba bihise, vyose bigahinduka bishasha (2Abakorinto 5: 17).

Dore arazana n’ibicu kandi amaso yose azamureba, ndetse n’abamucumise na bo bazamureba, kandi amoko yose yo mu isi azamuborogera. Na none, Amen (Ivyahishuwe 1: 7). Ivyo bahora batubesha ngo hazoba inzamba y’akabanga, ngo abo bayoboke ba dimanche bagende mw’ibanga si vyo. Kuko twarize kenshi ko uwo Yesu ahamagarira abantu kuruhuka dimanche ntaco apfana na Yesu yabambwe i Gologota. Uwabambwe, Eh’arazanana n’ibicu,kand’ijisho ryose rizomwibonera,n’abamucumise bazomubona… Niko biri Amen. Niwe Alufa na Omega, itangiriro n’iherezo”, ni ko Umwami Imana ivuga, iriho kandi yahozeho kandi izahoraho, ari yo ishobora byose (Ivyahishuwe 1: 7- 8).

Iki n’igihe co kwitegura gucika mu migozi twaboheshejwe n’amashengero y’ibinyoma, tukitegurira kuja gusanganira Umwami ku bicu. « Kuko Umwami ubwiwe azoza amanutse ava mu ijuru afise ijwi rirenga, hamwe n’ijwi rya marayika mukuru n’impanda, n’inzamba y’Imana, nuko abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka, maze natwe abazaba bakiriho basigaye duhereko tujyananwe na bo, tuzamuwe/duteruramwe mu bicu gusanganirira Umwami mu kirere. Nuko rero tuzabana n’Umwami iteka ryose. Nuko mumaranishe imibabaro kubwirana ayo magambo (1Abatesalonike 4: 16-18). Mw’izina ryera ryaYesu.Amen.

Publié dans:Non classé |on 17 août, 2016 |Pas de commentaires »

IGIHE CO GUSENGERANIRAITARIKI 17/08/2016

URUNANI RW’AMASENGESHO

Ku wa 3 ariwo wa 4 w’isabato no ku wa nyuma ari wo musi wo kwitegura isabato, isaha 12 z’umugoroba zuzuye neza.

ABANYAGIRWA N’IMVURA Y’UHORAHO BAKWIYE KWIRINDA GUFATA IMITAKA

 IMVURA YO MW’IJURUABANYAGIRWA N'IMVURA Y'UHORAHO BAKWIYE KWIRINDA GUFATA IMITAKA pluie-299447

Azomanuka nk’imvura igwa ku vyatsi bitemwe nk’imvura y’umuvuvu itosa isi (Zaburi 72: 6)

Har’ikintu dukeneye muri Afrika yacu cane cane mu bihugu vyacu vyo mu Biyaga binini. Har’igihe uraba umuntu, ugasanga asigaye arushwa ubwitonzi n’ibikoko vyo mw’ishamba, ukibaza uti, mbese urya muntu ubwo yoba agishobora gukizwa? Bisa niyo uravye ivyatsi mu nyovu no mu birira mu gihe co muci iyo imvura yanse kugwa, hamwe usigara ukandagira hasi ugasha (ababa mw’isi y’umusenyi barazi ivyo mvuga). Iyo itaguye biruma bikagirira. Iyo bimeze birtyo, biraboneka ko ubushobozi bw’umuntu ataco bushobora gukora. Haba hakeneye ko Umushoboravyose atugwanako akaduha imvura.

Yesu yaravuze ati: Ko nababwiye ivy’isi ntimwemere, none muzokwemera gute ni nababwira ivy’ijuru (Yohani 3: 12). Igituma Imana yashatse ko umwaka w’abarimyi (abahinzi) utangura mu gatasi (ku muhindo), kwar’ukugira ngo atwerekeko nako imitima yacu yoba yumye rwose yaragadutse nk’isi yo mu ci, 02058_WheatHarvest2009CimarronCo_2canke ubunyovu bwo muri Nyakanga, naho twoba twaraturiwe (twaratwitswe) nk’umuyonga, Uhoraho ashobora kudusubiza mwo intege, akaduka ubuzima tukaba bashasha. Kukw’Imana, harah’ivuga mu buryo bumwe, har’ivuga mu bundi, naho umuntu abifata minenerwe (Yobu 33 14).  Wumva wifuza kuba umugabo mushasha mu rugo rwawe? Wumva wipfuza kuba umupfasoni w’ukuri mu nzu yawe? Wumva wipfuza kuba umusore canke umukobwa w’akarorero? simphiwe-dana-01_full_lWumva wipfuza kuba umuntu mushasha hagati y’abo bantu mugendana? Ijambo ry’Imana rirakwinginga riti: Uhoraho abe ariwe musaba imvura ngw’igwe mu gihe c’itasura, muyisabe Uhoraho arema imiravyo, nawe azobaha imvura y’umuvuvu, umuntu wese amumereze imirima (Zekariya 10: 1). Ingorane  dufise n’uko kenshi Uhoraho arungika imvura yiwe mu bugingo bwacu, mu gihe yabonye ko tuyikeneye koko, noneho tugafata imitaka ngo ntitunyagirwe. Erega iyo Ijambo ry’Imana rigwiriye mu gihugu, umunyavyaha agahitamwo gupfunga amatwi, aba ameze nk’umuntu afata umutaka mu gihe c’imvura y’amahoro ngo ntihagire n’ima (igitonyanga) rimukorokera ko. IGIHE CO GUSENGERANIRAITARIKI 17/08/2016Turakeneye kunyagirwa n’imvura y’amahoro iva mw’ijuru, ndetse ikatunyagira imisi yose, kugira ngo tuve mu bubi bwacu, tubashe kugira imitima mishasha ishobora kumeramwo ivyatsi vyiza bishimisha umwami Yesu. Turakeneye ko Uhoraho atuvubira imvura yo mw’ijuru, ya mvura ituma isi yumye itangura kubomba ikamera ivyatsi bitotahaye, 15780524ya mvura igwa mu muyonga waturiwe mu ci, mu kanya gato, ugasanga mu bunyovu hose hahindutse itoto. Abayoboye igihugu c’Imana barakeneye iyo mvura, ari mu ntwaro canke mu mashengero. Abagabo n’abagore barayikeneye, imisore n’inkumi barayikeneye. Enda ni muze twitature niko Uhoraho agize, naho ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwere derere nka shelegi, n’aho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubwoya bw’intama (Yesaya 1: 18).1congo_prayer Ivyiyumviro war’ufise mu mutwe mu masaha 24 aheze, wumva bisa n’ibivuye mu mutima w’umuntu yakiriye imvura y’amahoro iva ku ntebe y’Imana? None wumva wohindura iki? Ndakwinginze wemere aya majambo atangure kurema ibicu vy’imvura y’Imana mu mutima wawe, kugira ngo aya masezerano y’Imana arangukire mu bugingo bwawe mur’aka kanya, ngo:2010-11-07-16-42-09Azomanuka nk’imvura igwa ku vyatsi bitemwe, nk’imvura y’umuvuvu itosa isi (Zaburi 72: 6).

ABO DUSENGERA

Dusenge kugira ngo imvura ya Mpwemu Yera igwe mu bugingo bwacu

Dusengere abantu bakwirakwiza ibi vyigisho bakoresheje ubwo buhinga bwa facebook bwa « share/partager », kugirango ababisomye bose bafashwe n’ubuntu bw’Imana. Dusengere abafise umugambi wo gukwiza ubu butumwa bose.

Dusengere Elie Havyarimana yipfuza kwiga Bibliya no gukurikira ukuri.  Dusengere Danatien. Cedrick, John, na Annick, babandanye ubutwari bagize bwo kwitabira inzira y’ukuri.  Dusengere mwene data John ararwaye. Elie Havyarimana ngo mumusengere kuko yipfuza gukurikirana ivyigisho vya Bible ngo amenye ukuri. Hari mushiki wacu yakurikiranye amavuna yabereye mu Rwanda, ayumviriza yibereye mu rupangu, ariko ngo vyamunaniye gufata icemezo, nawe mumusengere. Uwo mushiki wacu wo mu Rwanda, Lea niwe yiyemeje kugendana nawe. Tubasengere ngo ubwo bucuti buze bubashikane no mw’ijuru,  Dusengere Mechack Habarugira ariko arashaka ishengero yoruhukiramwo isabato, dusengere na Pasteur E. Bigirimana yiyemeje kumushaka ngo amufashe. Dusengere Nestor Ganzamukama mu mugambi wiwe wo gukurikirana ukuri. Dusengere Madeleine n’abariko baramufasha kugana inzira y’ukuri.

Publié dans:Non classé |on 16 août, 2016 |Pas de commentaires »

ISENGESHO RYO MU GITONDO

ISENGESHO RYO MU GITONDO

Mw’ijoro rishira ubuca aravyuka, arasohoka aja mu gahinga, asengerayo (Mariko 1: 35).

ISENGESHO RYO MU GITONDO Jesus_Praying

Isengesho ryo mugitondo riri mu bintu bikomeye Mpwemu Yera aduhanura kugirango ubucuti bwacu n’Imana bwame bwibutswa uko bukeye  imbere y’Imana.Muri Zaburi ya bene Kora dusoma ngo: « Ariko Uhoraho ni wewe ntakambira, kandi mu gitondo ugusenga kwanje kuzogusanganira » (Zaburi 88: 13). Ahandi naho handitswe ngo: Mu gitondo uze uduhaze imbabazi zawe kugirango tuze duhimba…rwe imisi yacu yose (Zaburi 90: 14).

Ariko Ijambo ry’Imana ntiriturarikira gusenga mu gitondo gusa, riradusaba no kuzinduka kwumva ijambo ry’Imana, ngo « Mu gaturuturu asubira mu rusengero abantu bose baza ah’ari arabigisha (Yohani 8: 2). Amateraniro meza yo gusenga mu gitondo, avanze no kwumva ubutumwa bwiza hakiri kare, ntaco twabinganya mu kwitegurira ubwami bw’Imana bugiye kuza. Bituma umuriro wo kugicaniro co mu mutima wacu udashobora kuzima, urukundo rw’Imana rukagwira uko bukeye uko bwije mu bugingo bwacu. Niko n’Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: « N’uko umuriro wo ku gicaniro uze wame waka ntuzime, umuherezi aze yame awucana uko bukeye,awurundekw’ikwi uko bukeye, aheze azigerekeko ikimazi co kwoswa, acoserezeko ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe. Umuriro uze wame waka ku gicaniro udahengeshanya, ntuz’uzime (Abalewi 6: 12-13). Erega ico gicaniro ubu kiri mu bugingo bwawe. Ikimazi Imana ishaka, n’ubugingo bwawe bwose, umutima n’umubiri. « Nuko bebe Data ndabahanura kubw’imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, nikwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi (Abaroma 12: 1).

Kurya nyene utibagira kwiyuhagira mu maso imisi yose mu gitondo, niko war’ukwiye no kutibagira kwuhagira umutima n’ubugingo bwawe mu guhura n’Imana mw’ijambo ryayo uko kwose bukeye. Nikwo kuvayanga imyambaro yacu mu maraso ya Yesu mu gitondo imisi yose, kugirango ihore yera. Nico gituma Ijambo ryayo rivuga ngo: « Uhoraho, mu gitondo uzokwama wumva ijwi ryanje, mu gitondo nzokwama nerekeza ugusenga kwanje kuri wewe (Zaburi 5: 3).

Uhoraho aduhe gukanguka no kwama tumwiteze uko bukeye uko bwije, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 9 août, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire