Archive pour juin, 2016

KUKO HANZE HAZOB’IMBWA…

INYUMA HAZOBA IMBWA… (Ivyahishuwe 22: 15)

Inyuma hazob’imbwa, n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abaseng’ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora (Ivyahishuwe 22: 15)

Image result for chiens africains

Uwu murongo utanguye uvuga ngo:  » Inyuma hazoba imbwa… None imbere ho hazoba har’iki? Umurongo ubanziriza uwo uravuga ngo: Hahirwa abamesura amakanzo yabo, kugirango babone kwegera ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kurio wa murwa (Ivyahishuwe 22: 14). Aba bamesura amakanzo yabo mur’iyi misi, n’ukuvuga uwo wese yumva muvy’ukuri ko ar’umunyavyaha akiherera akatura icaha ciwe imbere y’umwagazi w’Imana yabambwe kubw’ivyaha vyacu. Nibo bazoba bar’imbere mu birimba vy’uwo murwa.  Reka imbere y’uko mbandanya ndakurarikire guhanga amaso kuri Yesu nkuko Yohani yabisavye abigishwa biwe ati: «  Ng’uyu umwagazi  w’Imana ng’uwu uwukur’ibicumuro vy’abantu (Yohani 1: 29).

Reka tugaruke kuri za mbwa: Imbwa zizoba ziri  inyuma y’ikirimba c’uwo murwa n’imbwa nyabaki? Ijambo ry’Imana rirabitomora ngo:  » Ntihaze habemwo ba maraya mu Bisrayelikazi, canke ngo hagire abagabo bendana mu Bisrayeli. Ntihaze hagire uwujana mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu ibiherewe maraya canke ibiherewe umugabo yendwa, ngw’abishikishe isezerano iry’ariryo ryose: kuko ivyo vyompi ar’ubuyobe kw’Uhoraho (Gusubira mu Vyagezwe 23: 17-18). Muri Bibliya z’igiheburayo n’izindi nyinshi, aba bagabo bakora ivyo duhejeje gusoma, babita imbwa. Ku bumva ururimi rw’igifransa, musome neza iyi mirongo: Il n’y aura aucune prostituée parmi les filles d’Israël, et il n’y aura aucun prostitué parmi les fils d’Israël. Tu n’apporteras point dans la maison de l’Eternel, ton Dieu, le salaire d’une prostituée ni le prix d’un chien, pour l’accomplissement d’un voeu quelconque; car l’un et l’autre sont en abomination à l’Eternel, ton Dieu (Deutéronome 23: 17-18). Ijambo ngo maraya, ntirivuga bamwe babigize umwuga nkuko bamwe bohava bavyibaza. Muvy’ukuri ntivyemewe ko umukobwa w’Imana akora icaha co gushurashura naho ryoba rimwe gusa. Igihe umukobwa wa Israyeli yitwa Dina yafatwa ku nguvu na mwene Hamori umuhiwi… yitwa Shekemu (Itanguriro 34: 2) bene Israyeli babwiye Israyeli ngo:  » Mbega vyari bibereye kw’agirira mushiki wacu artyo, nk’aho yari maraya? (Itanguriro 34: 31). Abahungu canke abakobwa bakoze ico caha bakaba badashaka kucatura imbere y’Imana ngo bacihane, bongere basabe n’imbabazi abo bashurashuje, abo bantu bari mu kaga. Yaba umukobwa canke umuhungu, harageze ko twisuzuma niba tudashaka kuzosigara hanze hamwe n’imbwa… Mbivuze gurtyo kuko mur’ibi bihe vya nyuma, hariho n’abakobwa babifisemwo uruhara, bagira ibishobotse vyose ngo bagushe basaza babo mu caha.

Abarozi bo n’abaki? Aba bantu bitwa abarozi, ni bamwe bitwa mu yandi majambo abakonikoni. I wacu mu Kirundi bakunda kubita ngo ni ba maji (magiciens), ariko nibo banyamareba canke abakoresha amangetengete ya Satani. Bakunda guhuruza abantu benshi. Bafise ibitangaza bakora, ngo barashobora kumira urwembe, urushinge, umusumari ngo bashobora kuwushinga mu musaya ugarekira mu wundi,  n’ibindi… Hariho rero n’abarozi basanzwe bazwi bagutuma uburozi bwabo dayimoni zikakwica, canke zikaguhindura umusazi, zikagutererza no gukora ibidakorwa. Abakoresha ubwo buhinga, ntibashobora kwinjira muri Yerusaremu ho mw’ijuru. Abana b’Imana ntibemerewe kuja gushungera aho ivyo bintu bikorerwa, kuko kwoba ar’uguter’intege uwo murimo wa Satani mubi…

Ibi bintu  vy’abarozi biriganje mu madini y’abantu bavuga ko bakijijwe. Abantu barahakana ubutware bw’amategeko cumi y’Imana, bakambara uko Bibliya itemera, bakarya ibitaribwa, bagashigikira urugomo n’amacakubiri, bagakora basa n’abakorer’Imana ariko bishakir’ifaranga. Kugirango babone ababayoboka benshi, baca mu nzira yo gukora ibitangaza, bitwaza izina rya Yesu. Ubwo nabwo n’uburozi mu bundi. Ni bwo burozi mbere bwica benshi gusumba ibitega. Kuko bakugumiza mu kinyoma bitwaje ngo barasengera abagwaye bagakira, ngo hariho n’abatubura amahera, ngo hariho abafise ivyumba vy’amasengesho vyo gusengera abashomeri babuze akazi, gusengera abagabo n’abagore babuze ivyara, n’ibindi… Uvyumva wumva ko ari vyiza, ariko bihora biza kuba bibi kuko bakwigisha ngo ntukeneye kwubaha amategeko y’Imana kugirango ukizwe, ngo iry’urukundo rirakwiye… Baguhisha ko Yesu yapfuye azira ko twebwe abantu twishe amategeko, bakakwereka uwundi Yesu wabo ngo agukiza ukigumira mu  vyaha vyawe. Bemera amategeko ashobora kubatez’ingorane imbere y’ababanyi n’abanyagihugu, ariko nk’isabato, nko kubesha, nko gupfukamira umuntu nkawe, kuribo ivyo s’icaha…

Abashakanyi bo ni bande? N’abantu baba abagabo canke abagore (abosore canke abigeme), bashaka  imibiri y’abandi bantu ku buryo bubujijwe n’amategeko, nico bita « abasambanyi » mu kirundi ciza. Abo bantu ikibaranga kenshi, bambara impuzu zigaragaza ubwambure, bagashaka guhendahenda abanyantegenke, mu majambo no mu nyifato yabo, kuko bashaka ngo babakurikire mu migambi yabo igayitse. Gukingurira urugi iyo dayimoni y’ubushakanyi n’ukwitesha agaciro imbere y’Imana n’abamarayika n’abantu, kandi nikwo gutakaza ikibanza cawe muri Yerusaremu nsha. Aho niho n’abakokeza intambara bazoba, hamwe n’abicanyi bose.

Abaseng’ibigirwamana bo ni bande? Ego abapfukamira amashusho n’amasanamu, tuvuga ko baseng’ibigirwamana, ariko ikintu icarico cose wumva ukunze kikakubuza kwumvira ijwi ry’Imana, kiba kikubereye ikigirwamana. A’amahera, ar’uwo mwubakanye, ar’akazi, ar’incuti, ar’ishirahamwe urimwo, ivy’ari vyo vyose bishobora kukubera ibigirwamana

Umuntu wese akunda kubesha akabikora, ni wa wundi yigisha ivyo Imana itemera. Nibo Yesu yavuze mur’aya majambo ngo: Mbebwe mur’aba so wa Murwanizi, kandi ivyo so yipfuza nivyo mushaka gikora. Iyo avuga ibinyoma avuga ivyiwe, kukw’ar’umunyabinyoma, kand’ari we se wavyo (Yohani 8: 44).

Abo bose rero nibo uriya murongo wo mu Vyahishuwe 22: 15 wavuze, ntibazoshobora kwinjira muri Yerusaremu wo mw’ijuru, bazoborogera hanze. Kuko hanze hazob’imbwa, n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi, n’abaseng’ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora (Ivyahishuwe 22: 15)

Publié dans:Non classé |on 23 juin, 2016 |Pas de commentaires »

ITANGAZO * ITANGAZO * ITANGAZO * RYIHUTIRWA!

Résultat de recherche d'images pour "priere"

HARI MWENE DATA AKURIKIRA IBI VYIGISHO DUTANGA KURI FACEBOOK AFISE UBWOBA KUKO BAMUTUMYEKO MURI SENTARE NKURU Y’IGIHUGU. ARADUTEREREJE AMASENGESHO. UWU MUSI, MU GIHE CA SAKUMI NAZIBIRI ZUZUYE NEZA KU MUGOROBA, TWIHERERE, UMWE WESE AHO AZOBA ARI, MUZE TWIFATANYE MW »ISENGESHO TUMWINGINGIRE KU MANA KUGIRA NGO UMUMARAYIKA W’UHORAHO AZE AMUHAGARIKIRE MU RUBANZA. Niba uzoba ufise Bibliya, urasoma impanuro iri muri Matayo 6: 6, uyikurikize, Yesu ntahemuka araza kutwumvira. Niba uvyemeye,woshobora kunyandikira uti: Amen.

Publié dans:Non classé |on 13 juin, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire