Archive pour mai, 2016

IRUKANA UWO MUJA AJANE N’AGAHUNGU KIWE/SEND’INSHOREKE N’UMUHUNGU WIWE

IRUKANA UWO MUJA AJANE N’AGAHUNGU KIWE/“SENDA INSHOREKE N’UMUHUNGU WAYO (Itangiriro 21: 10) Afficher l'image d'origine

Eee, haburana babiri ngo hagatsind’umwe! Tugize imisi twiga ko iyo Bibliya ivuze umugore iba ivuga itorero/ishengero. Mureke rero mur’iki cigisho turabe amaherezo y’incoreke n’umugore w’ukuri. Uwuza gusanga ariwe yanditse ku ndangamuntu, niwe aza gutahukana umugabo! Muri maso? Muri kumwe na mweno So musangiye intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo.

Yesu ati: « .Kuko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanjye, nanjye nzakurinda igihe cyo kugerageza kigiye kuza mu bihugu byose kugerageza abari mu isi. Ndaza vuba, komeza ibyo ufite hatagira ugutwara ikamba ryawe.’ “Unesha nzamugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanjye kandi ntazasohoka ukundi, nanjye nzamwandikaho izina ry’Imana yanjye n’iry’ururembo rw’Imana yanjye ari rwo Yerusalemu nshya, izamanuka iva mu ijuru iturutse ku Mana yanjye, kandi nzamwandikaho izina ryanjye rishya. “Ufite ugutwi niyumve ibyo Umwuka abwira amatorero (Ivyahishuwe 3: 10-13).

Bitangiye neza, kuko Yesu yerekanye neza impamvu zizotuma uwu mugeni wiwe arindwa mu gihe c’ibigeragezo bikomeye bigiye kuza mw’isi. Ngo n’ukubera ko uwu mugeni yitondeye ijambo ryo kwihangana. Mbese iryo jambo n’irihe? N’iri ngo:« Aho ni ho kwihangana kw’abera kuri, bitondera amategeko y’Imana bakagira kwizera nk’ukwa Yesu(Ivyahishuwe 14: 12). Nta yindi nzira uwu mugeni wa Yesudusahobora kuboneramwo uburinzi buhagije uretse guhitamwo kwumvira ivyo Data adutegetse,no kugira ukwizera nka Yesu, Si kw kuvuga ngo nd’umwizerawo mw’Itorero gusa, n’ukwizera gushinze ku rutare, hamwe vyaba ngombwa tukemera tugapfa hako duhakana ivyo twizera. « Hahirwa umuntu wihanganira ibimugerageza, kuko namara kwemerwa azahabwa ikamba ry’ubugingo, iryo Imana yasezeranije abayikunda (Yakobo 1: 12). Igihe co kugeragezwa kigiyekuza mu bihugu vyose kandi amatorero menshi yakomeje kuvugako azamo umugeni azogwa mu mutego, kuko nta kwohangana kw’abera kuyab0nekamo, nta n’ukwitondera amategeko y’Imana. N’iyo bavuze ngo barumvira  ijambo ry’Imana rivuga, ahenshi baba bavuga ko bumvira ivyo abayobozi b’idini bashaka. Umugabo w’itorero arabitomora neza ati: » bitondera amategeko y’Imana ».

 

Padiri na pasitori s’Imana, nizo mpamvu tubabwira dusemerera ngo musubiremo murebe neza ko ivyo mwitondera vyaba bijanye n’ivyo Iman’itegeka! Ibi birihutirwa, uruzi rutararenga inkombe! None wewe « Niba warasiganywe n’abagenza amaguru bakagusiga unaniwe, wabasha ute gusiganwa n’amafarashi? Kandi naho umerewe neza mu gihugu cy’amahoro, Yorodani niyuzura uzagenza ute? Kuko n’abo muva inda imwe n’inzu ya so, abo na bo bagukoreye iby’uburiganya/ivy’uburyarya,  basakuriza inyuma yawe/bakuvuz’indur’inyuma, ariko naho bakubwira neza ntukabizere (Yeremiya 12: 5-6). Iki gihe gisaba ubukerebutsi budasanzwe! Niba bikugora kuja mu materaniro yo gusenga kubera ko ufite ikiraka wibaza ko ariho ukur’ico urarira, bikakugora gushing’intahe/guhamya imbere y’abatizera, kandi uzi neza ko nta mupolisi ashobora kugufata ngo n’uko washinze intahe y’uko ur’umukristu, none wumva uzashobora guhamya gute ko Yesu ar’Umwami mu gihe abaseng’Imana nk’Umuremyi bizaba bahigwa bukware? Niba bagufatisha udufaranga duke ugatangura gukora kw’isabato, mugihe akarongo kazaba gaciwe  hagati y’abitondera amategeko y’Imana n’abatayitondera, ubwo wewe uzohagarara bwuma wemangire Umwami wawe? Bikunaniwe gusiganwa n’abanyamaguru, wumva woja gusiganwa nabagendera mu modoka?

Imana yiyemeje gukomeza uwuzatsinda, ikamugira nk’inkingi mu ngoro yayo, ngo ntazoyisohokamwo. Abarundi bakunze kwita abagore babo ngo ni Ba Inarugo. (Banarug0). Mu mico y’abanyamahanga, iyo umugore yagiye gushaka umugabo, aheba izina ry’umuryango w’i wabo akandikwa kw’izina ryo kwa ba Sebukwe, kwa Se w’umugabo wiwe. Mu Rwanda no mu  Burundi bakunda kuvuga ngo ni muka naka (Muka Kanyarushatsi, Muka Nahimana, muka Rugwiza n’ayandi). Raba neza rero uwu murongo wo  mu Vyahishuwe 3: 12, urategura ubukwe bw’ishengero, nyuma y’ibigeragezo bizoba mu bihugu vy’isi. Nkuko umugore afata izina ry’i wabo w’umugabo, niko n’itorero rizofata izina ry’i wabo wa Yesu.  Nk’uko umukobwa abarurwa (yandikwa) aho yagiye gushaka umugabo hakamubera adresse, niko  na adresse y’itorero izoba adresse ya Yesu: Soma neza uwu murongo urateye umunezero, ngo: Unesha, nzamugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje kandi ntazosohoka ukundi, nanjye nzamwandikaho izina ry’Imana yanjye n’iry’umurwa w’Imana Yeruzalemu wururuka uva mw’ijuru ku Mana yanje, ndamuhe n’izina ryanjye risha(Ivyahishuwe 3: 12). Uwu niwe mugore w’iisezerano wa Yesu.

Ariko se uwuzaneshwa we bizamugendekera bite? Yes’ati: « Abo bazajya mu ihaniro ry’iteka, naho abakiranutsi bazajya mu bugingo buhoraho.” (Matayo 25: 46). Hasigaye kugwan’intambara ku giti cawe rero, kugira ngo witwe umwana wo ku mugore w’isezerano. Abakijijwe bazaza bavuye hose baramya Umwami wo mw’ijuru, itorero ritunganye rizaba ribonetse. Mwuka Wera ati: »“Munteranirizeho abakunzi banjye, Basezeranishije nanjye isezerano ibitambo.”/ Munkoranirize hano abakunzi banje, basezeranye nanje batanze ikimazi (Zaburi 50: 5). Ikimazi catangiwe i Kalvari, kubera ivyaha, ariko kwa kurenga amategeko ya Data. Umw’umwe agomba kwisuzuma kugira ngo ico kimazi ntagipfush’ubusa. Kuko burya har’ico ntakubwiye: Muzotoragurwa umw’umwe/ Muzonobagurwa umw’umw’umwe (Yesaya 27: 12). Abazaba bitondeye amategeko y’Imana yose, bakaba bitondera n’Isabato yanditse mur’ayo mategeko, bazateranywa, bareme itorero ry’Abizera bazahangana n’ibigeragezo vya nyuma, nibo Bibliya yita « abasigaye ». Niba itorero ryawe ryakwigishije ko uri mu basigaye, nivy.Ariko » imbwa yahiye ku murizo,ngo buraca truharabe » kandi ngo » Uwukubeshe ubutwari, muratabarana »

 

Benshi bazokurikira abasigaye b’ukuri bemere gupfa bapfir’ukuri. Ariko hariho abaziyonjorora bagasubir’inyuma. Hariho n’abazanka agasuzuguro, bakakwirikira rubanda nyamwinshi/aho abanyagihugu benshi bazoba bahengamiye. Kuko mur’iyi ntambara iheruka, kw’isi yose hazaba imice ibiri y’abantu: ABITONDERA AMATEGEKO Y’IMANA N’ABATAYITONDERA.  None wewe, uzoba mu wuhe murwi? Mbe wumva ur’umugeni canke imperekeza? Reka ndangize ngucira agace: « Ariko abanyabwoba n’abatizera, n’abakora ibizira n’abicanyi, n’abasambanyi n’abarozi n’abasenga ibishushanyo n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzaba mu nyanja yaka umuriro n’amazuku ari yo rupfu rwa kabiri.” (Ivyahishuwe 22: 8). Mw’izina ryera rya Yesu.Amen.

Publié dans:Non classé |on 29 mai, 2016 |Pas de commentaires »

AFRIKA YO MU BUSERUKO MU GITABO C’UMUHANUZI YESAYA (Yesaya 18: 1-6)

AFRIKA YO MU BUSERUKO MU GITABO C’UMUHANUZI YESAYA (Yesaya 18: 1-6)

 

Har’abantu bifashishije  iki gice co mu gitabo c’Umuhanuzi Yesaya, bashingira ku murongo waco wa kabiri, bumva ko  hariho intumwa zigomba kuva mur’aka karere kacu zikagenda kuvuga ubutumwa bwiza mu Burayi no mur’Amerika mur’iyi misi y’imperuka. Ntibibeshe cane, ariko singombwa ngo zive mu Burundi, mu Rwanda no muri Congo gusa. Ariko ndashaka ngo twige iki gice, umurongo ku wundi, ijambo ku rindi, turebe niba koko arico bivuga
Muri kumwe na mwene so musangiye intambara y’Umusaraba mur’iyi misi y’imperuka, Miburo Balthasar
Umuhanuzi Yesaya, yavugishijwe n’Umwuka Wera ati: «
1.Dore re! Dore igihugu gihindisha amababa kiri hakurya y’imigezi ya Etiyopiya,
2.cyatumye intumwa zinyura mu nyanja zigenda ku mazi ku bihare/ku bitebo by’inkorogoto kiti “Nimugende mwa ntumwa mwe z’impayamaguru, musange ishyanga ry’abantu barebare b’umubiri urembekereye, ryahoze ritera ubwoba na bugingo n’ubu, ishyanga risenya rigasiribanga igihugu cyaryo kigabanywa n’imigezi.”
3.Yemwe baturage bo ku isi mwese, yemwe abatura ku isi, ibendera nirishingwa ku misozi miremire mujye mureba, kandi ikondera nirivuga mujye mwumva.
4.Kuko Uwiteka yambwiye ati “Nzigumira mu buturo bwanjye nitegereze mere nk’izuba ritera ibishashi, nk’igicu cy’ikime cyo mu gihe cy’ubushyuhe bwo mu isarura.”
5.Nuko isarura ritaragera ururabo ruhunguye, inzabibu ari intenge, amashami magufi azayatemesha impabuzo, n’amashami agabye azayatema ayakureho.
6.Bazasigara ari ibirundo, basigiwe inkongoro zo ku misozi miremire n’inyamaswa zo mu isi. Inkongoro zizabarya mu cyi n’inyamaswa zo mu isi zose zizabarya mu itumba.
Ku murongo wa mbere, turabona ko ar’igihugu gihindisha amababa kiri hakurya y’imigezi canke inzuzi za Etiyopiya. Si muri Etiyopiya, ariko ni hakurya n’inzuzi zaho /imigezi yaho. Iki gihugu ntikivugwa izina, ariko ikizwi n’uko inzuzi za Etiyopiya zimenyekana muri Bibliya, ni Nili. Nili nayo ifite amasoko muri ibi bihugu vyacu Uburundi n’Urwanda, Sudani, Uganda, Tanzaniya n’ibindi… Inzuzi nka Ruvubu, Akanyaru, Nyabarongo, Akagera zisuka amazi yazo muri Rumaranzige (Victoria Lake), akava muri Rumaranzige akomeza muri Nili. Iri shami rya Nili rikomoka mu nzuzi zacu, ryitwa Nili y’umweru/ canke  Nili Rwera (Nil Blanc)
Carte d'afrique
Kuvuga Etiyopiya, ntibisobanura ca gihugu dusanzwe tuzi bita Etiyopiya. Mu Vyanditswe Vyera, bagiye bakoresha ijambo Etiyopiya kugirango bavuge muri rusangi ibihugu vy’Abirabure canke amoko y’Abirabure yariho mu gihe ca Mose n’Abami n’Abahanuzi bamukurikiye. Ibihugu Bibiliya ivuga neza igatomora ni Egiputa na Libiya (Daniyeli 11: 43), kuko navyo kera vyarimwo Abirabure, ariko Bibliya ntiyerekana aho igihugu kimwe cagabanira n’ikindi. Uko biri kwose, Ivyanditswe Vyera biravuga ko Etiyopiya ar’Abirabure. Dusoma ngo : « Mbese Umunyetiyopiya yabasha guhindura ibara ry’umubiri wiwe…? (Yeremiya 13: 23). Ahandi havuga hati:« Miriyamu na Aroni banegura Mose ku bw’Umunyetiyopiyakazi yarongoye. Koko yari yararongoye Umunyetiyopiyakazi (Guharura/Kubara 12: 1). Ariko uwu mugore wa Mose ntiyakomoka  muri iki gihugu ca Etiyopiya/Addis Abeba tuzi, Bibliya irasobanura ko yar’Umunyetiyopiyakazi wo muri Madiani mu buraruko bushira Ubuseruko bwa Egiputa ya kera. Umutambyi/Umuherezi/Umusaserdoti w’iMidiyani yari afite abakobwa barindwi… Mose yemera kubana n’uwo mugabo, ashyingira Mose umukobwa wiwe Zipora (Kuvayo 2: 16, 22). Bisaba gufata ikindi cigwa ngo tumenye uko ibihugu vyari bitonze mu bihe vya kera. Iki gihugu rero, twasomye ko gituma intumwa zinyura mu nyanja/mu biyaga zigendera ku bitebo vy’inkorogoto. Bwar’uburyo bwo kwiyunguruza bwakoreshwa mu gihe aya majambo yandikwa.
  Afficher l'image d'origineAriko uwavugishwa n’Imana Yesaya, aduhamagarira kumenya ubu butumwa, izi ntumwa z’impayamaguru zitwaye, ngo: «  “Nimugende mwa ntumwa mwe z’impayamaguru, musange ishyanga ry’abantu barebare b’umubiri urembekereye, ryahoze ritera ubwoba na bugingo n’ubu, ishyanga risenya rigasiribanga igihugu cyaryo kigabanywa n’imigezi.”. Iryo hanga/ iryo shyanga ry’abantu barebare b’umubiri uyagayaga, ryahoze riter’ubwoba na bugingo n’ubu, riragaragara ko ar’ihanga rizoba rikihari imbere yuko isarura rigera.
Ubu butumwa izi ntumwa zitywaye n’ubutumwa bwo kwerekana ibendera ridasanzwe rishinzwe ku misozi. Ibendera mu gitabo c’Imana, rirashobora gusobanura inganji y’abantu b’iyi si, canke inganji y’Imana. Turasoma muri Zaburi ngo: « Ababisha bawe batontomeye hagati y’inzu twateraniramo kugusenga, Bashingiye amabendera yabo kuba ibimenyetso (Zaburi 74: 4). Nico gituma hashobora kuba abajana ubutumwa buva mu butegetsi bw’isi, kandi hakazovamwo n’abandi bajana ubutumwa buva ku mutegetsi w’ijuru ariwe Kristu. Kuko ahandi havuga ngo: «Wahaye abakwubaha ibendera, kugirango ryerekanwe kubw’ukuri (Zaburi 60: 4).  Mose yubaka igicaniro acyita Yehovanisi (bisobanurwa ngo » Uwiteka niwe bendera ryanje). Muri ibi bihugu haragiye haba ibintu vyinshi vyahindutse, bigera  naho duhindura n’amabendera y’ibihugu, tugeraho duhindura n’uburyo bwo kuvuga ubutumwa, ubiravye neza usanga n’amatorero yarahindutse rwose. Ibi kandi ngo vyagomba kumenywa n’ibihugu vyose vyo kw’isi kandi niko biri uwu musi. Ubu butumwa bwa Yesaya rero buvuga buti: « Yemwe baturage bo ku isi mwese, yemwe abatura ku isi/ababa kw’isi, ibendera nirishingwa ku misozi miremire mujye mureba, kandi ikondera/inzamba nirivuga mujye mwumva.
Ubu butumwa bwa Yesaya burakomeza buti: « Kuko Uwiteka yambwiye ati “Nzigumira mu buturo bwanjye nitegereze mere nk’izuba ritera ibishashi/ric’ibibatsi, nk’igicu cy’ikime cyo mu gihe cy’ubushyuhe bwo mu isarura.”Nuko isarura ritaragera ururabo ruhunguye/ishurwe rihunguye, inzabibu ari intenge, amashami magufi azayatemesha impabuzo/uruhoro, n’amashami agabye/agasaraye azayatema ayakureho. Ubu butumwa burerekana neza ko har’ibintu bitegerezwa kuba mu bihugu vy’Abirabure biteye agahinda, kandi Uhoraho ngo azigumira mu buturo bwiwe amere nk’izuba rica ibibatsi. Iyo Uhoraho yiyise izuba mu Vyanditswe Vyera, aba ashaka kuvuga ko azokomeza kuremesha abamwubaha no mu gihe co kwiheba/kwihebura gukabije. Dusoma ngo: « Ku bw’umutima w’imbabazi w’Imana yacu, Ni wo uzatuma umuseke udutambikira uvuye mu ijuru, ukamurikira abicaye mu mwijima no mu gicucu cy’urupfu, No kuyobora ibirenge byacu mu nzira y’amahoro.”(Luka 1: 78-79). »Ariko mwebweho abubaha izina ryanjye, Izuba ryo gukiranuka rizabarasira rifite gukiza mu mababa yaryo, maze muzasohoka mukinagire nk’inyana zo mu kiraro (Malaki 3: 20, ariko mu Kirundi ni Malaki 4: 2). Igicu/igitutu c’ikime mu gihe c’indungumba/ubushuhe, bisobanura ukuntu Uwiteka azorinda ukwizera kw’abamwubaha no mur’ako kaga, bazakomeza kumwizera. Kuko dusoma ngo: « Uwiteka ni we murinzi wawe, Uwiteka ni igicucu cyawe iburyo bwawe. Izuba ntirizakwica ku manywa, Cyangwa ukwezi nijoro. Uwiteka azakurinda ikibi cyose,Ni we uzarinda ubugingo bwawe. Ni cyo kizatuma ubwoko bukomeye bukubaha, Umudugudu w’amahanga agira umwaga ukagutinya, kuko abakene n’abatindi bagiraga ibyago wababereye igihome, ukababera ubwugamo bw’ishuheri/agashururu n’igicucu/igitutu cy’icyokere (Zaburi 121: 5-7 na Yesaya 25: 3-4)  
Ibi vyago bizoba muri ibi bihugu, nta gishobora kubibuza gushika. Kuko Yesaya yatweretse ko izo ntumwa zizogenda kubitangaza mu mahanga akomeye ater’ubwoba, ariko ntiyavuze ko bazatanga ibisubizo kur’ivyo bibazo, ah’ubwo ngo ibendera rizoshingwa ku misozi.Yesaya yongeyeho ko bizaba imbere y’isarura« Nuko isarura ritaragera ururabo ruhunguye, inzabibu ari intenge/ibiturumbwe. Yesu arasobanura neza isarura icarico: « isarura ni imperuka y’isi » (Matayo 13: 39). Ibi bintu bitegerezwa gushika mu gihe ivugabutumwa rizoba rigaragaza ko rigiye  kugira umusaruro mwiza. Nico gituma Yesaya yavuze ngo: Ururabo ruhunguye, canke mu Kirundi ngo ishurwe rihunguye. Abarimyi b’ikawa barabizi ko iyo ishurwe rihunguruye, ko intete zitangira kuboneka, zikaba imibimba, nyuma zikavamwo umusaruro ushimisha umurimyi. Abahinzi/Abarimyib’ibibishyimbo nabo barabizi ko iyo ishurwe/uburabo buhavuye hahita haza imibimba/imiteja izovamwo umusaruro mwiza w’ibishyimbo.

Nuko rero ivyo Yesaya yavuze bizoshika imperuka igira ishike. Intambara n’urupfu n’ibihuha, n’ingwara biba mur’ibi bihugu, ntimugire ngo biba kw’isanganya. Oya, biri muri gahunda/mu nteguro y’Uhoraho, n’ibimenyetso vyerekana ko isarura riri hafi, imperuka iregereje. Uru ruzabibu ruzaba rutangiye kubundura/ar’intenge/imibimba/imiteja cangwa ibiturumbwe, rusobanura ko naho abitwa abantu b’Imana ari benshi mu bihugu vyacu, mu vy’ukuri ntibarageza ku rugero rw’uko boba biteguye  gusanganira Yesu. Ni bagera kur’urwo rugero, isarura rizahita riba. Nico gituma urupfu rutabatinya nabo. Bapfa nk’abandi bose bagahambwa, ariko, gupfa si bibi, ikibi n’ugupfira mu kinyoma  »  ‘Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami wacu.’ ” Umwuka na we aravuga ati “Yee, ngo baruhuke imihati/imiruho yabo, kuko imirimo yabo ijyanye na bo ibakurikiye.”(Ibyahishuwe 14: 13). Aya niyo  mashami magufi yavuze ko azayatemesha impabuzo/uruhoro.
Ariko yavuze ko hariho n’amashami agabye/agasaraye ngo azayatema ayakureho. Aya mashami manini agasaraye canke agavye, asobanura abantu bigize intakoreka, bakaba aribo bayobya/bazimiza abandi. Badindiza umurimo w’Uwiteka kubera inyungu zabo, bakayobora abantu mu bintu bitagira shinge na rugero, bitajanye n’Ibyanditswe Vyera. Subiramwo urabe ukuntu aya majambo atonze: «  amashami magufi azayatemesha impabuzo/uruhoro, n’amashami agabye/agasaraye azayatema ayakureho. Atangurira ku mashami magufi kuko ni yo meza. Agaherukira ku yagasaraye. Bibliya iti: «  mwa ndyarya mwe, muzabona ishyano kuko mwugarira ubwami bwo mu ijuru ngo abantu batabwinjiramo, namwe ubwanyu ntimwinjiremo kandi n’abashaka kwinjiramo ntimubakundire… Nuko rero ku bw’ibyo, ngiye kubatumaho abahanuzi n’abanyabwenge n’abanditsi: bamwe muri bo muzabica muzababamba, abandi muzabakubitira mu masinagogi yanyu, muzabirukana mu midugudu yose bajyamo, muhereko mugibweho n’amaraso yose y’abakiranutsi yaviriye ku isi, uhereye ku maraso ya Abeli umukiranutsi, ukageza ku maraso ya Zakariya mwene Berekiya, mwiciye hagati y’Ahera h’urusengero n’igicaniro. Ndababwira ukuri yuko ibyo byose bizasohora ku b’iki gihe (Matayo 23: 13, 34-36). N’ukuvuga amaraso yose y’inzirakarengane, hongeyeho abantu bapfuye bizera ibinyoma nkuko mugihe c’Abafarisayo babizeza ibinyoma bitanditswe. Uwanze ku byemera bamugiraho urugomo bamwe mbere bagapfa.
Ko twazindutse tuvuga ivyerekeye Abirabure, reka turangize iki kiganiro twibukanya amasezerano meza yagiriwe Abirabure bo muri ibi bihugu vyacu mu misi y’imperuka: « Abazanshashazaho/ Abazonshengerera, ari bo bana banjye batataniye hakurya y’imigezi yo muri Etiyopiya, bazanzanira ituro ryanjye. Uwo munsi Isirayeli we, imirimo yawe yose wankoreye ukancumuraho ntizagukoza isoni, kuko ubwo nzaba nkuvanyemo abibone bīrātaga, kandi ntuzongera kwishyira hejuru ku musozi wanjye wera. Ahubwo nzagusigamo ubwoko bw’indogore/ banyarucari/abanyarutoke n’abakene, kandi baziringira izina ry’Uwiteka (Zefaniya 3: 9-12). Iyi Israeli ivuzwe izoba iri hakurya y’inzuzi za Etiyopiya, n’abantu bose bariko barakira agakiza gashingiye ku kwubahiriza amategeko ya Yesu nkuko vyari biri muri Israeli. Ntituvuze ya mategeko y’itorero aduhamagarira kwumvira itegeko ry’abantu ngo » Mwizihize/Muhimbaze icumweru, mugire za Noheli, musengere abapfuye kuko bitavy’Imana… Ivyo tubirengane, dutumbere ukuri nyakwo. Iyi Israeli yacu iri mu bihugu vyacu niyo Paulo avuga ngo: « mwibuke ko icyo gihe mwari mudafite Kristo mutandukanijwe n’Ubwisirayeli, muri abashyitsi/ba kavantara ku masezerano y’ibyasezeranijwe, ari nta byiringiro mufite by’ibizaba, ahubwo mwari mu isi mudafite Imana Rurema. Ariko none kuko muri muri Kristo Yesu, mwebwe abari kure kera, mwigijwe hafi n’amaraso ya Kristo . Nuko ntimukiri abashyitsi n’abasuhuke/inyambukira, ahubwo muri ubwoko bumwe n’abera ndetse muri abo mu nzu y’Imana, kuko mwubatswe ku rufatiro rw’intumwa n’abahanuzi, ariko Kristo Yesu ni we buye rikomeza imfuruka (Abanyefeso 2: 12-13, 19-20). 

Ubu butumwa bwa Yesaya busoza buvuga uko ibintu bizamera. cangwa se uko biri, uko vyabaye henshi mur’ibi bihugu, bukagira buti: « Bazasigara ari ibirundo, basigiwe inkongoro/ibisiga zo ku misozi miremire n’inyamaswa zo mu isi. Inkongoro zizabarya mu cyi n’inyamaswa zo mu isi zose zizabarya mu itumba/mu rushana. Aka kaga si ngombwa ngo kabe mu gihugu iki canke kiriya kuko ubu buhanuzi bwavuze ngo hakurya y’inzuzi za Etiyopiya, ariko n’ibitaraza bishobora kuza, kuko iri sarura twese turacaritegereje! N’iki none gitumye ritinda/riteba gushika?  Umwami Imana ntitinza isezerano ryayo, nk’uko bamwe batekereza yuko iritinza. Ahubwo itwihanganira idashaka ko hagira n’umwe urimbuka, ahubwo ishaka ko bose bihana (2Petero 3: 9). Uko vyoba kwose, reka duhane isango/rendez-vous yo kuzabonanira imbere ya Kristo muri ca gitondo ciza c’umuzuko wa mbere. Abazagira amahirwe yo gukorer’Imana kugeza ubwo Yesu azabasanga bakiri bazima, tuzongera tubonane mur’ico gitondo. Niko ijambo ry’Imana ritwizeza ngo: « Kuko Umwami ubwe azaza amanutse ava mu ijuru aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’ijwi rya marayika ukomeye n’impanda y’Imana, nuko abapfiriye muri Kristo ni bo bazabanza kuzuka, maze natwe abazaba bakiriho basigaye duhereko tujyananwe na bo, tuzamuwe mu bicu gusanganirira Umwami mu kirere. Nuko rero tuzabana n’Umwami iteka ryose. Nuko mumaranishe imibabaro kubwirana ayo magambo (1Abatesalonike 4: 15-18),mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
Publié dans:Non classé |on 11 mai, 2016 |Pas de commentaires »

IKIBAZO C’AMOKO MU BIHE VY’IMPERUKA

MBESE IMANA NIYO YAREMYE AMOKO?

Bibliya itangura itubwira ko Imana yaremye umuntu. « Nuko Imana irema umuntu mw’ishusho yayo, mw’ishusho y’Imana niho yamuremye, irema abantu bar’uburyo bubiri. Maz’Iman’irabahezagira  iti: Ni murondoke mugwire mwuzure isi (Itanguriro 1: 27-28).  Bibliya yigisha ko Adamu yavyaranye n’umugore wiwe imfura yabo Kayini, ariko Kayini aza kwica uwamukurikira yitwa Abeli. Adamu yongera kubana n’umugore wiwe avyara umuhungu amwita Seti. Adamu amaze kuvyara Seti amara imyaka amajana umunani, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa (Itanguriro 4: 25 na 5: 40. Aba bahungu n’abakobwa bakomotse kuri Adamu, nibo batikijwe n’umwuzure wo kuri Nowa kubera ivyaba vy’indengakamere bihaye gukora.  » Uhoraho aravuga ati;  » Abantu naremye nzobamara mw’isi… kuko nicujije ico nabaremeye. Ariko Nowa we Uhoraho aramushima (Itanguriro 6: 7-8). Uwu « Nowa  yavyaye abahungu batatu: Shemu, Hamu na Yafeti (Itanguriro 6: 10). Abo ukw’ari batatu, nibo Nowa yavyaye, nibo bakomotsweho n’abakwiye isi yose (Itanguriro 9: 18)Afficher l'image d'origine

Bibliya ntitangura kuvuga ko bakomotsweko n’amoko, ivuga amahanga, imiryango n’ibihugu (Itanguriro 10: 5, 20, 31 na 32).  Abo mw’isi yose bari bafise ururimi rumwe (Itanguriro 11: 1). Indimi nyinshi zishobora kuba arizo zabaye intandro yo kwirema mwo imigwi kugirango abasangiye ururimi babe aribo babana. Ivyo vyatanguriye igihe bubaka igisagara c’i Babeli,  » nico catumye izina ryaco citwa Babeli, kukw’ariho Uhoraho yayoberanirije ururimi rw’abo mw’isi yose, kand’ariho Uhoraho yabasabagirije mw’isi yose (Itangiriro 11: 9). Bibliya yerekana ko nyuma hahavuye havuka n’ikibazo c’abantu bitwa Abanyetiyopiya, bari bafise uruhu/urukoba rudasa n’urw’abandi. Nibo twita mu ndimi zacu ngo » Abirabure ».

Mu giheca Mose, « Miriyamu na Aroni banegura Mose, kubw’Umunyetiyopiyakazi yari yabiriye; kuk’uwo Munyetiyopiyakazi yari yamwabiriye koko (Guharura 12: 1). Bibiliya ivuga ko ukwo kunegura Mose ngo n’uko yabiriye Umunyetiyopiya ko bitashimishije Imana. « Miriyamu aca asesako imibembe » (Guharura 12: 10). Bibliya yerekana ko Iman’izi ikibazo c’ubwirabure bwacu, kandi ko bigomba guha isomo abigira ngo bafise imibiri isa neza kudusumvya: « Mbeg’umunyetiyopiya yoshobora guhindura guhindura urukoba rwiwe, canke ingwe yosobora  guhindura amabara yayo? Ivyo bishobotse, namwe mwoshobora gukora ivyiza mwebwe abamogoreye gukora ibibi (Yeremiya 13: 23). Ikibabaje Imana mur’iki gihe s’ibi bintu vy’amoko. Ar’abera, ar’abirabure, ar’ab’inzobe n’abatukura, Imana yipfuza gusa « ubwoko bw’abantu bakora ivyiza » Umwamikazi wa Salomo yar’umwirabure ashimwa n’Imana, kandi yakomoka mu gihugu c’Abirabure, Egiputa ya kera. Yaririmvye ati:  » NDIRABURA ARIKO NDI MWIZA… NTIMUMPANGE AMASO KUKO NIRABURA, N’IZUBA RYANYIRABUJE (Indirimbo ya Salomo 1: 5-6).

Umwami Nebukadineza niwe yashoboye gukoranya abahagarariye ibihugu n’amahanga n’amoko n’indimi, ngo abakoreshe icaha, igihe bari baje kweza ca gishusho yashinga mu kiyaya c’i Dura » Umusiguzi asemerera n’ijwi rirenga ati:  » Yemwe amoko n’abavuga indimi zitari zimwe, ng’ibi ivyo mutegetswe: Ngo ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge, n’inanga n’amakembe n’imiduri, n’ivyitwa sumponya n’ibindi vy’ubwoko bwose bivuzwa, muce mwikubita hasi musenge iki gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yahagaritse (Daniyeli 3: 4-5).  Uku niko na Satani agiye kwifashisha ikibazo c’ibihugu , n’amahanga n’amoko ngo abakoranirize gusenga ibitar’Imana. Niryo rya tegeko ryo gusenga ku cumweru twama tuvuga.

Iki kibazo c’uko ibihugu n’amahanga bizoba binyenyaguyemwo amoko n’indimi nyinshi mu misi y’imperuka nticari gikwiye kudutera umutima mubi, ariko ni bwo buryo Imana yashatse bwo kwerekana urukundo rwayo, ikadushikiriza ubutumwa bwiza bw’agakiza mur’iyi misi y’imperuka, idusanze, aho turi , uko turi kwose. Nyuma yaho izoba imaze kuduhingura rwose ikoresheje ijambo ryayo, tuzosokoroka mu moko twitirirwa uwu musi, twitwe  » ubwoko bwatoranijwe » (1Petero 2: 9). Abo mu bwoko bwatoranijwe, nibo gusa bazosenga Imana y’ukuri atari ya mana yazanywe n’amatorero. Izi nizo mpamvu Iman’iriko irasemerera ibwira umukozi wayo w’ukuri  uwariwe wese, mu bushobozi n’ingabire yahaye umw’umwe, mur’iki gihe c’imperuka iti: « Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivy’amoko meshi n’amahanga menshi n’indimi nyinshi n’abami benshi (Ivyahishuwe 10: 11).

Turazi ko Satani nawe ariko arakoresha Antikristu ngo yigarurire amoko n’amahanga n’indimi n’abami. Gutwara abantu mw’isabato y’ikinyoma yo ku wa mbere w’imisi indwi dimanche, niko kwitwa Antikristo. N’ukuvuga ngo « UWUTAVUGA RUMWE NA KRISTU ».  Niko vyanditswe ngo: Gihabwa(igikoko) gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose. Kand’ababa mw’isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama w’Imana yatanzweko ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi (Ivyahishuwe 13: 7-8)

 

Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama w’Imana, uwo Mwagazi azobanesha, kuko ariwe aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’abari kumwe nawe bahamagawe, batoranijwe, bayobotse, nabo bazobanesha (Ivyahishuwe 17: 14). Ico gihe, ibidutandukanya vyose bizoba vyibagiwe, twese tuzoba dushaka gukurikira Umwagazi w’Imana ngo tugere ku ntsinzi ya nyuma. Abazotsinda nibo bazoba  » Ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharura, bo mu mahanga yose, n’imiryango yose, n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’intama, bambaye amakanzo yera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe (Ivyahishuwe 7: 9). 

Abitwaza ikibazo c’amoko kugirango bagirire nabi abandi ntibazoba mur’iryo shengero tumaze kuvuga. Ariko abarengera ibibazo vy’amoko n’indimi, bakumvako gukorer’Imana mu moko yose no mu ndimi zose aho Yesu abatumye, ko ar’iteka nta ngere, bakabikora bicisha bugufi bayoboka uwabatumye, abo bazohembwa neza. Reka ndangize iki cigisho ndabibutsa ko uwuje kubahemba ari hafi rwose. Ubu ijwi ritanguye gusamirana mu bwami bw’ijuru ngo: « Hamagara abakozi ubagerere ingero zabo, utangurire kubo hanyuma uherukire ku bazindutse (Matayo 20: 8). Niba watanguye igikorwa c’Imana neza, wihangane ukirangize neza, nawe uze ube mu bitwa  » UBWOKO BW’IMANA’, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 5 mai, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire