Archive pour le 17 mars, 2016

AGIKURA MW’ISHENGERO ARACIHERERANA (Mariko 7: 33)

AGIKURA MW’ISHENGERO ARACIHERERANA (Mariko 7: 37)

Kirundi

Bamuzanira igipfamatwi kidatobora neza baramwinginga ngo akirambikekw’ikiganza. Agikura mw’ishengero aracihererana, agishira intoke mu matwi, acira amate,agikora ku rurimi. Ararangamiza, araba mw’ijuru, yits’umutima, arakibarira ati Efata,risobanurwa ngo Zibuka.Amatwi yiwe arazibuka, inkingi z’ururimi rwiwe zirabohoka, avuga neza (Mariko 7: 32-35)

Kinyarwanda:

Bamuzanira igipfamatwi kandi kidedemanga, baramwinginga ngo agishyireho ikiganza. Agikura mu bantu aracyihererana, agishyira intoki mu matwi, acira amacandwe agikora ku rurimi. Arararama areba mu ijuru, asuhuza umutima arakibwira ati “Efata” risobanurwa ngo “Zibuka.” Amatwi ye arazibuka, n’intananya y’ururimi rwe irahambuka avuga neza (Mariko 7: 32-35)

Jésus guérit un sourd-muet

Ibi bintu byabaye kur’iki gipfamatwi, iyo ubisomye wihuta, ubona nyene ko ar’igipfamatwi cakijijwe, kirumva kiravuga. Ariko imbere yuko Yesu ava kwa Se akaza kw’isi ico kipfamatwi Data yari yarakimutoranirije kugirango kitubere nk’ifashanyigisho. Ntibivuze ko arico conyene cariho muri Isirayeli canke mur’iyi si. Ariko igihe kigeze, vyabaye ngombwa ko bakizana gihura na Yesu,kuko igihe Data yari yarategekanije ko uwo murimo ukorwa, cari kigeze. Yesu ati: «  Kuko ntavanywe mu ijuru no gukora ibyo nishakiye, ahubwo nazanywe no gukora ibyo uwantumye ashaka(Yohani 6: 38). Iki gipfamatwi Data yashatse ko kibonana na Yesu, kugira twe tugeze mu bihe by’imperuka, tuhakure icigisho kizadufasha mur’iyi misi. Nico gituma Mwuka Wera/ Mpwemu Yera avuga ati:  » “Mwa bipfamatwi mwe, nimwumve. Mwa mpumyi mwe, nimurebe mwitegereze. Hari indi mpumyi atari umugaragu wanjye, cyangwa hari ikindi gipfamatwi atari intumwa yanjye ntuma? Hari indi mpumyi atari umuyoboke wanjye, kandi hari impumyi atari umugaragu w’Uwiteka? Areba byinshi ariko ntiyitegereza, amatwi ye arazibutse ariko ntiyumva.” (Yesaya 42: 18-20). Birababaje, ariko nta kundi byagenda. Kiriya gipfamatwi nico Data wa twese yashize ku nzira ya Yesu,aracifashisha,kugirango atwigishe, atwumvishe ko aritwe, bipfamatwi, ari twe biragi. Impumyi zose, Data yazishize ku nzira Yesu yanyuragamo, kugirango aduhe icigisho c’uko turi impumyi. « Ibyo byababereyeho kutubera akabarore, kandi byandikiwe kuduhugura twebwe abasohoreweho n’imperuka y’ibihe/Ariko ivyo vyababaheko kugirango bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanura twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe(1Abakorinto 10: 11).

Afficher l'image d'origine

Ariko kuki Yesu yarinze gufata iki gipfamatwi akagikura mw’ishengero? Ibyanditswe vyera biratubwira biti: « Umva mukobwa, utekereze utege ugutwi, Kandi wibagirwe ishyanga ryanyu n’inzu ya so. Ni cyo kizatuma umwami akunda ubwiza bwawe, Kuko ari we mwami wawe nawe umuramye (Zaburi 45: 11-12). Abasoma Bibliya z’ikirundi, uwu murongo uboneka muri Zaburi ya 45: 10-11 ngo: Umva mukobwa, wiyumvire, ubange ugutwi, kandi wibagire ubwoko bwanyu n’inzu ya so, nico kizotuma umwami agomwa igikundiro cawe, kuko ariwe Mwami wawe, nawe umwunamire(Zaburi 45: 10-11). Nkuko mwese mubizi,kugira ngo umukobwa ashobore kubana neza n’umugabo yamukoye, ntibabana kwa se. Ariko umugabo aramujana, bakazobana, bakaganira ari babiri, kandi uko bakomeza kugiriranira ibiganiro niko urukundo rwabo rukomeza gukura ruja hejuru. Bakamenyana neza.

 Afficher l'image d'origine

Yesu nawe ntiyashaka ko iki gipfamatwi gihumuka kibona abantu bandi, canke cumva abantu hirya no hino, bavuga badahuza. Ariko yashatse ko gihumuka, maze uwambere nambere kiza gukubitiza kw’ijisho akaba Yesu Umukiza waco, n’ijwi rya mbere kiza kwumva rikaba irya Yesu. Ivyo ntivyari gushoboka kikiri mw’ishengero ry’abantu. Ni wibaze ukuntu yatashe anezerewe. Mbese wibaza ko yigeze yibagira ibyo yagiriwe uwo musi?  Nico gituma nawewe uwu musi Uhoraho aguhamagara ngo uve mu rwinshi, wumvirize ijwi ryiwe ryonyene, umuhange amaso, umwitegereze we nyene. Mw’isi y’iki gihe havugwa vyinsi, mu matorero hasigaye havugwa vyinshi, baravuga ntibahuza, bamwe ndetse barabipfa. Ariko Yesu arabahamagara, arashaka kubafata ukuboko, arashaka kubihererana: « Arababwira ati “Umutima wanjye ufite agahinda kenshi kenda kunyica, mugume hano mube maso.”Nuko muve hagati ya ba bandi, Mwitandukanye ni ko Uwiteka avuga, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanye. Nanjye nzabakira, Kandi nzababera So, Namwe muzambere abahungu n’abakobwa, Ni ko Uwiteka Ushoborabyose avuga.” (Mariko 14: 34, 2Abakorinto 6: 17-18).

Ntawe ntunze agatoke, ariko muri twebwe, hariho benshi bakeneye kwihererana na Yesu, akabahumura, akabiyereka, akabazibura amatwi. Twarahumye, twarazivye amatwi, kandi biterwa n’ivyo abo tugendana, abo dusengana cangwa abadusengesha, ivyo badupakiramwo. Nico gituma ngira ndangize nkwibutsa iri jambo ngo: « .“Mwa bipfamatwi mwe, nimwumve. Mwa mpumyi mwe, nimurebe mwitegereze. Hari indi mpumyi atari umugaragu wanjye, cyangwa hari ikindi gipfamatwi atari intumwa yanjye ntuma? Hari indi mpumyi atari umuyoboke wanjye, kandi hari impumyi atari umugaragu w’Uwiteka? Areba byinshi ariko ntiyitegereza, amatwi ye arazibutse ariko ntiyumva.”  Ku bwo gukiranuka kwe, Uwiteka yashimye kogeza amategeko ye no kuyubahiriza. Ariko aba ni abantu banyazwe ibyabo bagasenyerwa, bose batezwe ubushya kandi babahisha mu mazu y’imbohe. Ni abo kujyanwa ho iminyago nta wuriho wo kubakiza, ni abo kunyagwa ibyabo ari nta wo kuvuga ko babisubizwa (Yesaya 42: 18-22). Iri jambo ngo batezwe ubushya, abasoma Bibliya y’ikirundi rivuga ngo: baratezwe bagwa mu vyobo. Ndakwinginze wumve ico Uwiteka agushaka ko, aguhamagara ngo uve mur’ico cobo, mur’iyo nzu y’imbohe, aho bakunyegeje bakubesha ngo uri mu kuri.

”  Ku bwo gukiranuka kwe, Uwiteka yashimye kogeza amategeko ye no kuyubahiriza (Yesaya 42: 21). Wa mpumyi we, humuka urebe neza, Uwu murongo wanditswe mu kirundi ngo: « Vyahimbaye Uhoraho kuduza ivyagezwe no kuvyubahiriza kubwo kugororoka kwiwe » None kuki ugendana Bibliya, ukabisoma, amaradiyo akirirwa abivuga, kuri za internet bikavugwa,ariko umutima wawe ntugire ico ukubwira? Burya rero nkubwire: Waratezwe icobo ukigwamwo, burya wibaza ngo bakujanye mu itorero, ariko Yesu we abona ko uri mmu nzu y’imbohe. Kandi nubwo Uwiteka yakwogeza amategeko yiwe gute, ukayasoma, ntivyagukundira kuyemera ukiri mur’ico cobo, ukiri muri iyo nzu y’imbohe.

Nico gituma n’uwu musi, upfukamira abayobozi b’idini ngo uriko uricuza ibyaha, kandi Bibiliya itabyemera ko upfukamira umuntu nkawe. Reka dusome: « Petero agiye kwinjira, Koruneliyo aramusanganira, yikubita imbere y’ibirenge bye, aramuramya. Ariko Petero aramuhagurutsa ati “Haguruka, nanjye ndi umuntu nkawe.” Nikubitira hasi imbere y’ibirenge bye kumuramya, ariko arambwira ati “Reka! Ndi imbata/umusavyi mugenzi wawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafite guhamya kwa Yesu: Imana abe ari yo usenga.(Ibyakozwe n’Intumwa 10: 25-26; Ibyahishuwe 19: 10). Isabato y’Uwiteka naho Yesu akwereka ko nawe yayiruhutse, wowe uhitamwo ubusobanuro baguhaye hariya mu nzu y’imbohe. Yamara akamenyero ka Yesu n’Intumwa ze, siko kamenyero ka pasitori na padiri wawe. Handitswe ngo « Ajya i Nazareti iyo yarerewe, ku munsi w’isabato yinjira mu isinagogi nk’uko yamenyereye.  Nuko Pawulo nk’uko yamenyereye yinjira muri bo, ajya impaka na bo mu byanditswe ku masabato atatu. Ku munsi w’isabato tuva mu mudugudu tujya ku mugezi inyuma y’irembo, dukeka yuko hariho ahantu ho gusengera(Luka 4: 16, Ibyakozwe n’Intumwa 17: 2 na 16: 13). Afficher l'image d'origineUrinywera, ukarya n’ibihumanye vyose vyose, kuko ariko bakubwiye mu nzu y’imbohe, ariko ni wemera ukihererana nawe,arakubwira ati: « Ntugakore ku kintu nakimwe gihumanye (2Abakorinto 6: 17).

Ubu butumwa burahungabanya cane imitima ya benshi, « buraderanja » ababwumva, kandi buteye ubwoba,  ku buryo wumva ko ubuze aho ukwirwa, mbere bamwe bahitamwo kubireka vyose, abandi bagatukana, abandi bagaca bugufi bakihana. « benshi bazajarajara hirya no hino kandi ubwenge buzagwira.” .“Uku ni ko bakunze kurorongotana/kuyerera, , ntabwo bashinze ibirenge byabo hamwe. Ni cyo cyatumye Uwiteka atabemera(Daniyeli 12: 4; Yeremiya 14: 10). Ariko bayerera bashak’iki? Bashaka aho babona ubutumwa buborohereza, kuko ukuri kurabarya mu matwi « Gutahura ubutumwa bwiza kuzozana gucika ivutu gusa. Kuko uburiri buzobabana buto ntibazoshobora kuramvya, kandi ivyo bipfuka bizobabana bigufi vyanke ko biyorosa; / kandi kumenya ubutumwa kuzaba gutera ubwoba gusa. Erega, urutara ni rugufi umuntu atarambirizaho, kandi ikirago ni intambure kitakwira umuntu!(Yesaya 28: 19-20)

Harageze ko ukundira Yesu akakwihererana akakuzibura, akakubwira ati: Efata. Uhoraho atugirire neza adufashe  kuko twese turakeneye kwihererana na Yesu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 17 mars, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire