Archive pour le 6 mars, 2016

IGISUBIZO CAHAWE BAYUBAHE SANDRINE AVUGA KO KWUBAHA ISABATO CANKE DIMANCHE KO BIVANA N »IMICO Y’ABANTU

IGISUBIZO:

Ukwubaha Imana ntikuvana n’umuco. Kuko imico tuyiragwa n’abavyeyi bacu,nabo bayikuye kuri basokuru na ba sokuruza. Umuco wo kuruhuka dimanche ntukomoka mu Burundi canke mu Rwanda, wazanywe n’abazungu baje bigisha idini, ariko nabo bawukuye mu gipagani c’i Babuloni, Babuloni iwuhereza Roma, Roma iwukwiragiza isi yose.  Ariko « Muzi yukw’ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi mwatojwe na ba sokuruza atar’ibishira nk’ifeza n’izahabu, ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini nk’ay’umwagazi w’intama utagira agasembwa cank’ibara,niyo ya Kristo (1Petero 1: 18-19). Nawe arababaza ati: » None mweho n’iki catumye murenga itegeko ry’Imana kubw’imigenzo yanyu? Aba bantu banyubahisha iminwa yabo,ariko imitima yabo iri kure yanje. Bansenger’ubusa kukw’inyigisho bigisha ar’amategeko y’abantu (Matayo 15: 3, 8-9).

Ariko kuruhuka umusi w’indwi, vyakomotse ku Mana, n’ukuruhukana n’Imana,.  » Nukw’Iman’ihezagira uwo musi w’indwi iraweza, kukw’ariwo Imana yaruhukiyekw’ibikorwa vyose yakoze (Itanguriro 2: 3). Nuko rero haracariho uburuhukiro bw’Isabato bubikiwe abantu b’Imana. Kuk’uwuhitse mu buruhukiro bwayo, nawe aba aruhutse ibikorwa vyiwe nkuko Imana nayo yaruhutse ivyayo (Abaheburayo 4: 10-11).

Bibliya ntiyemera ko abaruhuka dimanche ar’abantu b’Imana. Iki nico benshi batazi. Kuko barababeshe.Kuko umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose agatsitara kuri kimwe, azoba acumuye kuri vyose (Yakobo 2: 10). Kuko  » vyahimbaye Uhoraho kuduza ivyagezwe no ku vyubahiriza, kubw’ukugororoka kwiwe. Aba bantu n’abantu basahuwe…, bose baratezwe, bagwa mu vyobo, kandi babanyegeje mu mabohero… (Yesaya 42: 21-22). Harageze ko abantu bumva ko aya mashengero babanyegejemwo kw’ar’ivyobo, kw’ar’amabohero,nkuko ijambo ry’Imana rivuze. Abazovyumva bakavyemera, nibo bazitwa  » ABANTU B’IMANA, nkuko amasezerano y’Imana abivuga ngo:  » Nuko muve hagati ya ba bandi mubitandukanyeko, kandi ntimukore ku kintu gihumanya na kimwe, nanje nzobakira, kandi nzobabera So,namwe muzombera abahungu n’abakobwa, niko Uhoraho Nyen’ingabo agize (2Abakorinto 6: 17-18). Bwoko bwanje, Sohoka muv’iwe… (Ivyahishuwe 18: 4).Mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 6 mars, 2016 |Pas de commentaires »

ABANTU BOSE BARUHUKA ISABATO KUKO BAYISOMYE MURI BIBLIYA ARIKO NTA BANTU BARUKA DIMANCHE KUKO BAYISOMYE MURI BIBLIYA.

Abantu bose baruhuka Isabato kuko bayisomye muri Bibliya, ariko nta bantu baruhuka dimanche kuko bayisomye muri Bibliya.

ABANTU BOSE BARUHUKA ISABATO KUKO BAYISOMYE MURI BIBLIYA ARIKO NTA BANTU BARUKA DIMANCHE KUKO BAYISOMYE MURI BIBLIYA. 81ULSazHO0LWibaze nawe: Ejo hari ku wa 6, none  uwu musi ni ku wa kangahe? Ntutinye kubivuga, Bibliya ivuga ko ari ku wa mbere w’imisi indwi,wa musi Yesu yazutse. Kandi utangire ubare/uharure,niwavuga nkuko Imana ibivuga,dimanche ukawita uwa mbere uza kubona ko samedi ar’umusi w’indwi: « ariko uwa karindwi ni wo sabato y’Uwiteka Imana yawe. Ntukagire umurimo wose uwukoraho, wowe ubwawe, cyangwa umuhungu wawe cyangwa umukobwa wawe, cyangwa umugaragu wawe cyangwa umuja wawe, cyangwa itungo ryawe cyangwa umunyamahanga wawe uri iwanyu, kuko iminsi itandatu ari yo Uwiteka yaremeyemo ijuru n’isi n’inyanja n’ibirimo byose, akaruhukira ku wa karindwi. Ni cyo cyatumye Uwiteka aha umugisha umunsi w’isabato, akaweza (Kuva 20: 10-11)

Ikibazo: none iyinga, canke indwi arico cumweru, bigizwe n’imisi itandatu canke indwi? Niba wemera injili, canke Bibliya yose, niwisomere usanga uwu musi wa dimanche ari wo musi ukurikira isabato: Isabato ishize, Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yakobo na Salome, bagura ibihumura neza ngo bajye kubimusiga. Nuko mu museke ku wa mbere w’iminsi irindwi baragenda, Bagera ku gituro izuba rirashe. Barabazanya bati “Ni nde uri butubirindurire cya gitare kiri ku munwa w’igituro?” Ariko bararamye babona igitare kibirunduriwe hirya, nubwo cyari kinini cyane. Binjiye mu gituro babona umusore wicaye mu ruhande rw’iburyo wambaye umwenda wera, baratangara cyane. Arababwira ati “Mwitangara. Nzi yuko mushaka Yesu w’i Nazareti wabambwe, ariko yazutse ntari hano, dore aho bari baramushyize  (Mariko 16: 1-6).  

Kandi guterana ku wa mbere w’imisi indwi ariwo dimanche s’amakosa. Kuko twemerewe gukora amateraniro imisi yose: « Kandi iminsi yose bakomezaga kujya mu rusengero n’umutima uhuye, n’iwabo bakamanyagura umutsima bakarya bishimye, bafite imitima itishama bahimbaza Imana, bashimwa n’abantu bose, kandi uko bukeye Umwami Imana ikabongerera abakizwa (Ibyakozwe n’Intumwa 2: 46-47). Ariko umusi wejejwe wo kuruhukwa n’umusi w’indwi.

Luka yanditse ati: « Ku munsi w’isabato tuva mu mudugudu tujya ku mugezi inyuma y’irembo, dukeka yuko hariho ahantu ho gusengera. Turicara tuvugana n’abagore bahateraniye (Ibyakozwe n’Intumwa 16: 13). Kuko imisi bari bamaze avuga ubutumwa mur,uwo mudugudu w’i Filipi ntibare bwabone ahantu abizera bateranira kw’Isabato. Bashotse umudugudu bashakisha basanga iteraniro ribera ku ruzi. N’ubwo benshi bitwaza ngo Paulo yinjira mu masinagoga agiye kwigisha abayuda, sivyo. Abantu bari muri iri teraniro s’Abayuda,kandi n’umujyi wa Filipi, s’uw’ Abayuda. N’ababatijwe lkur’iyi sabato s’Abayud. Reka tubisome: « tuvayo tugera i Filipi, ni umudugudu wa mbere wo mu ntara y’i Makedoniya wubatswe n’Abaroma bahimukiye. Tumara iminsi muri uwo mudugudu. Ku munsi w’isabato tuva mu mudugudu tujya ku mugezi inyuma y’irembo, dukeka yuko hariho ahantu ho gusengera. Turicara tuvugana n’abagore bahateraniye. Umugore witwa Ludiya waguraga imyenda y’imihengeri, wo mu mudugudu witwa i Tuwatira, wubahaga Imana aratwumva. Umwami Yesu amwugururira umutima, kugira ngo yite ku byo Pawulo yavugaga. Amaze kubatizanywa n’abo mu rugo rwe, aratwinginga ati “Nimuba mubonye ko nizeye Umwami Yesu by’ukuri, nimuze iwanjye mucumbikeyo.” Araduhata (Ibyakozwe n’Intumwa 16: 12-15). Ibi bihugu bavuze n’ibi bisagara (imidugudu), biri mu Bulayi. N’ibihugu biri hafi y’Ubugriki, ubu niho bita muri Balkan (Serbie,Croatie, Macedoine, Albanie,…)

1011376-Les_peuples_des_Balkans

Aho na muri Tuwatira kwa Ludiya ni mu gihugu ca Turkiya, kandi iyo Tuwatira n’imwe ivugwa muri ya matorero arindwi yo mu Byahishuwe. Yose ukw’ari ndwi yakorera mur’ico bita Turkiya mur’iyi misi. Ni kure ya Israeli ntaco hapfana. Ingo tureke kugwanya Imana, ntiyibeshe mu kuduha imisi itandatu yo gukora n’umusi w’indwi wo kuruhuka. Satani niwe yiyoboreye amatorero ya kino gihe, akatwumvisha kw’ariwe Mwuka Wera. « Mukomoka kuri so Satani, kandi ibyo so ararikira ni byo namwe mushaka gukora. Uwo yahereye kera kose ari umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu by’ukuri kuko ukuri kutari muri we. Navuga ibinyoma, aravuga ibye ubwe kuko ari umunyabinyoma, kandi ni se w’ibinyoma. Kandi natwe twese twahoze muri bo dukurikiza ibyo kamere yacu yifuza, tugakora ibyo kamere n’imitima byacu byishakira, kandi ku bwa kavukire yacu twari abo kugirirwa umujinya nk’abandi bose. Ariko Imana kuko ari umutunzi  w’imbabazi, yaduhinduranye bazima na Kristo ku bw’urukundo rwinshi yadukunze, ubwo twari dupfuye tuzize ibicumuro byacu (Yohani 8: 44 na Abanyefeso 2: 3-5), mw’izina ryera rya Yesu. Amen

 
Publié dans:Non classé |on 6 mars, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire