ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO 26 RUHUHUMA/ GASHYANTARE 2016

 

ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO CU KU WA 26 RUHUHUMA / GASHYANTARE 2016

Image result for preparation du sabbat

 

Indirimbo:

Har’igihugu ciza cane, Twasezeraniwe n’Imana/ Tukirorere twizigiye, kuko Data yatwiretse

Aheza mw’ijuru tuzohurirayo bagenzi (2x)

Tuzoririmbira mw’ijuru, indirimbo yatugiriye/ Ntituzongera kubabara, tuzoba dushiz’amarira

Dusenge: Data mwiza ugir’ubuntu kand’utangaje, ndakwinginze ngo umpe kugera mur’ico gihugu wadutunganirije, aho tuzoruhukir’isabato itagira inkomanzi mu myaka yose, hamwe na Kristu Umwami wacu. Amen

Ijambo ry’Imana:

Image result for preparation du sabbat

Nuko ku munsi ubanziriza isabato bugorobye, ntegeka yuko inzugi z’amarembo y’i Yerusalemu zikingwa, kandi ko zidakingurwa kugeza aho isabato ishirira, maze nshyira bamwe mu bagaragu banjye ku marembo kugira ngo hatagira umutwaro wose binjiza ku munsi w’isabato. Maze abatunzi n’abagura ibintu by’uburyo bwose, barara inyuma y’i Yerusalemu rimwe cyangwa kabiri. Ndababonye ndabahamya ndababaza nti “Ni iki gituma murara inyuma y’inkike? Nimwongera nzabafata.” Maze uhereye uwo munsi ntibongera kugaruka ku isabato (Nehemiya 13: 19-21)
Mu masaha make buza kuba butangiye kwira kur’uwu musi ubanziriza isabato. Dusabwe gukinga amarembo ya Yerusaremu yacu. Kuko igihe carashitse aho tutazoba tukija gusenga Imana I Yerusaremu, ahubwo tuzoza tuyisengera mu mpwemu no mukuri, kuko Data ashaka abamusenga bartyo. Ntitubabwiye ngo muhindure isabato nka ba bandi bashaka ko Bibliya ihengamira ku mico yabo barazwe na ba sekuru. Oya; ni mwibuke ko uwu ari wa musi Yesu yapfa.  » Umutwenzi / Umuseke utambitse uwo mwanya abaherezi/abatambyi bakuru n’abashingantahe n’abanyabwenge b’Ibyanditswe n’abashingantahe b’amakombe bose Baja inama baboha Yesu, baramujana, bamushikiriza Pilato. Maz’isaha zitandatu zishitse, ubwirakabiri bukorana mu gihugu cose gushika kw’isaha y’icenda. Kw’isaha y’icenda Yesu asemerera n’ijwi rirenga ati: Eloi, Eloi lama sabaktani?

Bugorovye kuko war’umusi wo kwitegura, niwo war’umusi utangurira isabato, haza Yosefu umunyarimataya, umunyekombe w’icubahiro, kandi nawe yari yiteze ubgami bg’Imana, ararinduka aja kuri Pilato, asaba ikiziga ca Yesu. Ariko Pilato Biramutangaza ko (Yesu) yoba amaze gupfa (Mariko 15: 1, 33,  34, 42-44). War’umusi wo kwitegura, isabato igira ishike (Luka 23: 54)
Raba ukuntu iki cigisho kiduha urutonde rw’ukuntu Yesu yarangirije ubuzima bwiwe ku musaraba kur’uwo musi. N’umusi udasa n’iyindi mu mateka y’ubwoko bw’Imana. data yari yawuteguye imbere y’uko arema iyindi misi. Ni wo musi nyene yaremeyeko umuntu:  » Nuko Imana irema umuntu mw’ishusho yayo niho yamuremye; irema abantu bar’uburyo bubiri. Nukw’Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane, Buragoroba buracya, uwo n’umusiugira gatandatu (Itanguriro 1: 27, 31). S’umusi wa gatanu nkuko Satani yabitumenyereje abicishije mu binyoma vy’abanyedini:  UWO N’UMUSI UGIRA GATANDATU (Itanguriro 1: 31).   » Maze ku wa gatandatu begeranya ivyo kurya bingana kabiri n’ivyo bahora bazana… Arababarira ati » Ivyo nivyo Uhoraho yavuze, at’ejo uzoba umusi wo kuruhuka, isabato irobanuriwe Uhoraho; ni bagende barondere ivyo bagomba,  bateke ivyo bagomba, ibisagutse babibike, babiraze (Kuvayo 16: 22-23). Aha hatweretse ko kur’uwo musi baronse ifunguro ryikuvye kabiri, kugira ngo barye ku musi wa 6, bukeye kandi kw’isabato barye, kuko kw’isabato s’umusi wo guteka. S’umusi wo gucuruza nkuko bamwe babigira kuri ya sabato y’ikinyoma ya dimanche. Nehemiya yatubwiye ko abantu b’abacuruzi ko baraye inyuma y’urugo rw’i Yerusaremu, abashirako igitsure, ati; Ni mwasubira nzobafata. Kuko ntaco bapfana  n’Abayuda. Abo banyamahanga basenga za Bayali na za Ashera n’ibindi bigigwamana. Ni nkuko abasenga iyi Mana y’i Yerusaremu, ariyo Mana ya Yesu na Mose na Dawidi na Yohani na Petero na Yakobo, ntaco bapfana n’abasenga imana z’abaroma n’abaporo zibemerera kuruhuka ku musi w’izuba. Ni zo mana n’abanyamahanga bo bafise imana zabo zitagira amategeko. Ego bavuga ko bafise amategeko y’imana, ariko iyo uyasubiyemwo usanmga ar’amategeko y’imana y’idini, atar’Imana y’i Yerusaremu. Nico gituma badatinya gupfukamira abayobozi babo ngo bariko barihana ivyaha, ntibatinya gufata amasuka, inyundo n’imyiko, imisumeno, imizigo ku rutugu, ngo bagiye ku kazi, kandi ari ku musi w’Isabato.
Ariko mweho mur’ubwoko bwatoranijwe, mukoranije kuba abami n’abahereji (abatambyi0 mur’ubwoko bwera, abantu bashiriweho kuba inyegu yiharije, kugirango mukwize ishimwe ry »Imana yabahamagaye ikabakura mu mwiza, ikabashira mu muco wayo utangaje. (1Petero 2:9).
Isengesho ryo mu mwiherero:
Niwiherere uvyibaze, usanga Uhoraho adukunda mu tumenyesha isabato yiwe. Satani aratwanka mu kudusukamwo isabato y’ikinyoma. Ngaka akanya Uhoraho aguhaye ngo umenye uku kuri, ukwiye kubisengera kugira ngo ugendere mu muco wiwe, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
Publié dans : Non classé |le 26 février, 2016 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire