Archive pour le 23 février, 2016

TWIRINDE UBUSAMBANYI

TWIRINDE UBUSAMBANYI

Ico Imana igomba n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi; kugirango umuntu wese muri mwebwe amenye kuganziriza umubiri wiwe mu kwezwa no mu kwubaha, atari mu buryo bwo bwo kwangaza imitima mu vyipfuzo, nkuko abanyamahanga batazi Imana bagira (1Abatesalonika 4: 3-5).

Iyi mpanuro iraba twese abambaye umubiri, abahungu n’abakobwa b’Imana. N’ivy’ukuri Imana « yaremye abantu bar’uburyo bubiri ». Maze Imana irabahezagira, iti Ni murondoke, mugwire mwuzure isi muytiganze(Itanguriro 1: 27-28). Ariko hano ijambo ry’Imana hano ryerekanye ko muvyo tugomba kuganza ko harimwo n’imibiri yacu. Nta mbaraga zidasanzwe Imana izotanga ku bantu batemera gukurikiza izi mpanuro ngo bumve ko aribo babwirizwa kuganza imibiri yabo, ko atari imibiri ibwirizwa kubaganza. « Kukw’abaganzwa nakameremere k’umubiri bitwararika ivy’umubiri, kandi abaganzwa n’impwemu bitwararika ivy’impwemu. Kwitwararika ivy’umubiri bizana urupfu, ariko kwitwararika ivy’impwemu kuzana ubugingo n’amahoro. Kuko kwitwararika ivy’umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana, kandi kudashobora kuvyumvira. Kand’abaganzwa na kameremere y’umubiri ntibashobora guhimbara » Imana (Abaroma 8: 5-8)

Ibi ntibisaba guterereza amasengesho vyonyene ngo tubohorwe nkuko benshi babimenyereye. Ego ni vyiza kubwira bene Data ngo badusengere, ariko biradusaba gushiraho natwe ugushaka. Kuko Mpwemu aravuga yeruye ko na twe dufise ico twokora kugirango tubohorwe kur’ico kiza cateye murwaruka, kigasasika ingo, kigatuma benshi ubuzima bwabo buherera mu gahinda n’umubabaro. Aha sinokwibagira na za ngwara zifatira mu myanya ndangagitsina, tudasize inyuma SIDA. Uwu Mpwemu twahawe nk’Umufasha wacu avuga ati: « Isoko yawe igire umugisha, kand’unezererwe umugore wo mu buto bwawe, nk’impongokazi y’urukundo n’ingeregere y’igikundiro, amabere yiwe akubumbe ibihe vyose; kandi wame uhimbarwa n’urukundo rwiwe. N’iki cotuma ga mwana wanje, uhimbarwa n’umugore w’icigenze, ukagwa mu gikiriza c’uwutar’uwawe? (Imigani 5: 18-20). N’uko Uhoraho aduhe kwirinda, ribe isengesho ryacu rya misi yose, twame tugwana intambara nziza kugira ngo twezwe uko bukeye uko bwije,  » kuko uwutejejwe atazoraba Umwami »(Abaheburayo 12: 14); mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 23 février, 2016 |Pas de commentaires »

ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO CO KU WA 23 RUHUHUMA/GASHYANTARE 2016

ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO CO KU WA 23 RUHUHUMA 2016

 

Afficher l'image d'origine

Indirimbo

Mwami ndakwizigiye, Mukiza wanje mwiza

Ndicuz’imbere yawe, Mwami Yesu nkiz’ubu

Ubu ndakwihereje, simbuzwa n’iby’iyi si, Mb’uwawe rwose Mwami, Nguhay’ibyanjye vyose

Ndiringiy’iby’uvuga, Wamviriy’amaraso, Ubu ndicuza cane, Mbambanywe n’Umukiza

Dusenge:

Data mwiza ugir’ubuntu kan’utangaje, mfis’imbaraga nke mur’iki gihe, ndakwinginze ngo undungikire inkomezi ziva mw’ijuru, kugira ngo mbashe guhangana n’ibigeragezo vyo mur’iyi misi y’imperuka mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Ijambo ry’Imana

Dushishikarire kumenya, tugire umwete wo kumenya Uwiteka: azatunguka nk’umuseke utambika nta kabuza, azatuzaho ameze nk’imvura, nk’imvura y’itumba isomya ubutaka.” (Hoseya 6: 3)

Isengesho ryo mu mwiherero:

Wiherere usabe kugira ngo uronke izo mbaraga ziva ku ntebe y’imbabazi, kuko twese turazikeneye mur’iyi misi.

Iman’ikurinde, tuzongera guhurira mur’iri sengesho ejo mu gatondo!

 

 

 

Publié dans:Non classé |on 23 février, 2016 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire