ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO CO KU WA 22 RUHUHUMA 2016

ISENGEWSHO RYO MUR’IKI GITONDO CO KU WA 22 RUHUHUMA/GASHYANTARE 2016

Afficher l'image d'origine

Indirimbo:

Ndeger’umusaraba, naniwe nkenye mpumye, Singir’ico nitaho, Rwose nshaka gukizwa

Icitabirizo:

Mwami ndakwizigira, Mukiza wanje mwiza

Ndicuz’imbere yawe, Mwami Yesu nkiz’ubu

Nakwipfujije kera,Njya mbabazwa n’ibyaha, Yes’ambwira nez’ati: Ngukiz’ibicumuro

Isengesho:

Ur’Imana nkuru, ni wewe waremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose. Niwewe wiremeye umuntu umuhuekeramwo impwemu y’ubugingo, maze umuntu aba ufite ubugingo. Ibikorwa vyawe n’agatangaza: Waraye umbungabunze mur’irijoro, umumarayika wawe ntiyigeze amvirira, ndabigushimiye rwose ndagutey’impundu. Mbabarira amafuti yanjye yose, umpe kugendana nawe nkuko Henoki yagenze, maze kuri wa musi uze unkundire kuba mu birimba bihoraho vyo mw’ijuru, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Ijambo ry’Imana:

Reka ishavu, va mu burake, ntuhagarike umutima, kukw’ico kizana gukor’ibibi (Zaburi 37: 8)

Dusabe Uhoraho imbaraga zo kumukorera dufite umunezero. Turakeneye ubufasha bw’ijuru kugira ngo twirinde uburakari mu gihe ab’isi batubangamiye.

Isengesho ry’umwiherero:

Uwu musi ni wamara gusaba ubufasha ukeneye mur’aka kanya, wibuke gusengera imiryango y’abantu batagize aya mahirwe yo kuramuka hamwe n’ababo bose. Ntitukubwiye gusengera abapfuye, ariko abasigaye barakeneye ubufasha. Niba hari n’abo uzi, genda ubaremezhe, bidakunze naho wifatanye nabo mu mutima, Uhoraho arabibona.

Tukwipfurije umusi mwiza mu Mwami Yesu. Amen

Publié dans : Non classé |le 22 février, 2016 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire