Archive pour février, 2016

TUGANIRE KU VYEREKEYE UMUSARABA W’AGAKIZA I GOLOGOTA

Afficher l'image d'origine

I ruhande y’umusaraba hari hahagaze nyina (Yohani 19: 25). Mbese har’aho wigeze kwibaza ku bubabare uwu muvyeyi yagize mu mutima kur’uwo musi?  Mbese har’aho wigeze guhagarara ngo wibaze igituma Yesu yemeye ibi vyose kubera ubwoko bw’abantu b’ibivume?

Publié dans:Non classé |on 29 février, 2016 |Pas de commentaires »

YESU NIWE BUZIMA BWACU

YESU NIWE BUZIMA BWACU

 

Publié dans:Non classé |on 28 février, 2016 |Pas de commentaires »

ISENGESHO RYO MURI IKI GITONDO, KU WA MBERE W’ISABATO, 28 RUHUHUMA/ GASHYANTARE 2016

ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO, 28 RUHUHUMA 2016

Isengesho:

Data mwiza, turazi ko ur’Imana y’inyembabazi, uduhe kwumva ijambo ryawe no kwemera guhindurwa naryo, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Ijambo ry’Imana:Afficher l'image d'origine

Bene Data, sinshaka ko mutamenya yuko ba sogokuruza bose bari munsi ya cya gicu, kandi yuko bose baciye mu nyanja yigabanije, bose bakabatirizwa muri icyo gicu no muri iyo nyanja gutegekwa na Mose, bose bagasangira bya byokurya by’Umwuka na bya byokunywa by’Umwuka, kuko banywaga ku gitare cy’Umwuka cyabakurikiraga, kandi icyo gitare cyari Kristo. Ariko abenshi muri bo Imana ntiyabashimye, ni cyo cyatumye barimbukira mu butayu. Ariko ibyo byababereyeho kugira ngo bitubere akabarore, ngo tutifuza ibibi nk’uko bo babyifuje. Nuko rero ntimugasenge ibishushanyo nk’uko bamwe bo muri bo babisengaga, nk’uko byanditswe ngo “Abantu bicajwe no kurya no kunywa bahagurutswa no gukina.” Kandi ntimugasambane nk’uko bamwe bo muri bo basambanaga, bigatuma hapfa abantu inzovu ebyiri n’ibihumbi bitatu ku munsi umwe. Kandi ntimukagerageze Umwami wacu, nk’uko bamwe bo muri bo bamugerageje bakicwa n’inzoka. Ntimukivovote, nk’uko bamwe bo muri bo bivovose bakicwa n’umurimbuzi. Ibyo byababereyeho kutubera akabarore, kandi byandikiwe kuduhugura twebwe abasohoreweho n’imperuka y’ibihe. Nuko rero uwibwira ko ahagaze, yirinde atagwa (1Abakorinto 10: 1-12).

Kur’uwu musi benshi bita umusi w’Imana, ndashaka ko tuganira kur’aya majambo  yasomwe uno musi mu nsengero nyinshi. Intumwa Paulo arashaka kutwereka umubatizo w’ukuri ko atar’umuhango wo kujojotera amazi ku ruhanga, canke kwibizwa mu ruzi, canke mu mazi menshi gusa. Yego ni vyiza kubatizwa mu mazi menshi ariko na none ukabigira wibuka ko uriko urishushanya na Yesu yahambwe akazuka.  Ntimuzi yuko twese ababatirijwe muri Yesu Kristo, twabatirijwe no mu rupfu rwe?

Nuko rero, ku bw’umubatizo twahambanywe na we mu rupfu rwe, kugira ngo nk’uko Kristo yazuwe n’ubwiza bwa Data wa twese, abe ari na ko natwe tugendera mu bugingo bushya. Ubwo twateranijwe na we gusangira urupfu nk’urwe, ni ko tuzaba duteranijwe na we gusangira kuzuka nk’ukwe.Abaroma 6: 3-4). Afficher l'image d'origineNiko basokuruza bacu mu kwizera  babigenjenje. Imana yar’izi ko iyo Nyanja ishobora kubahitana, ariko yatumye Mpwemu wayo ahuha umuyaga, barajabuka nk’abanyuze kw’isi yumye bagera hakurya ku bundi butaka.
Afficher l'image d'origine
Yabagaburiye ku vyokurya vyo muri Mpwemu ariwe Mutima Mweranda (1Abakorinto 10: 3).
N’ukuvuga igihe baza gutora manu buri gitondo. Ntibatora ivyokurya bisanzwe ariko batora ivyokurya vyo mw’ijuru. Yesu-Kristo niwe yihinduye manu kugira ngo ubwoko bwiwe burye. Nico gituma yavuze neza ati:  “Ni ukuri, ni ukuri, ndababwira yuko Mose atari we wabahaye umutsima uvuye mu ijuru, ahubwo ni Data ubaha umutsima w’ukuri uvuye mu ijuru. Kuko umutsima w’Imana ari umanuka uva mu ijuru, ugaha abari mu isi ubugingo.” Baramubwira bati “Databuja, ujye uduha uwo mutsima iteka.”Yesu arababwira ati “Ni jye mutsima w’ubugingo, uza aho ndi ntazasonza na hato, n’unyizera ntabwo azagira inyota na hato (Yohani 6: 32-35). Uwu mutsima uvugwa ntaco upfana n’ihostiya bakunda kutwereka. Kuko n’igihe Yesu yagira igabura ryeranda ntiyakoresheje amahostiya. Bibliya ivuga ngo: Nuko icyo nahawe n’Umwami wacu kumenya ni cyo nabahaye namwe, yuko Umwami Yesu ijoro bamugambaniyemo yenze umutsima akawushimira, akawumanyagura akavuga ati “Uyu ni umubiri wanjye ubatangiwe, mujye mukora mutya kugira ngo munyibuke.” (1Abakorinto 11: 23-24).
Résultat de recherche d'images pour "lord's supper"
Sinkubujije kwemera ivyo wumva ushaka kwemera, ariko Bibliya iravuga ibintu vyitwa; « ibishusho vy’izuba » arivyo Uhoraho ngo azogwanya cane mu gihe c’imperuka (Soma neza Bibliya yawe muri Ezekiyeli 6: 4, 6). Umuhango wo gukoresha ikintu gifise ishusho y’izuba ufise aho wakomotse, tuzovyiga hanyuma. Résultat de recherche d'images pour "hostie"Ariko urazi ko umutsima/umukate umunyuwe, wambiye canke utambiye, ntuhita uciha umuzingi/uruziga, nka kurya hostiya imeze.
Banyoye ku gitare cabakurikira, ico gitare cari Kristu. (1Abakorinto 10: 4)
Abantu bagirirayo inyota bitotombera Mose bati “Ni iki cyatumye udukurira muri Egiputa, kugira ngo utwicishanye inyota n’abana bacu n’amatungo yacu? ” Mose atakira Uwiteka ati “Aba bantu ndabagenza nte? Bashigaje hato bakantera amabuye.” Uwiteka abwira Mose ati “Nyura imbere y’abantu ujyane bamwe mu bakuru b’Abisirayeli, witwaze inkoni wakubitishije rwa ruzi, ugende. Nanjye ndahagarara imbere yawe hariya ku gitare cy’i Horebu, ukubite icyo gitare amazi aravamo abantu bayanywe.” (Kuva 17: 3-6). Afficher l'image d'origineKristu ni we yigize igitare, Mose agikubita inkoni. Kw’ar’ukwerekana ukuntu Kristu azokubitwa, tukabona ubugingo: « Ni ukuri intimba zacu ni zo yishyizeho, imibabaro yacu ni yo yikoreye, ariko twebweho twamutekereje nk’uwakubiswe n’Imana agacumitwa na yo, agahetamishwa n’imibabaro. Nyamara ibicumuro byacu ni byo yacumitiwe, yashenjaguriwe gukiranirwa kwacu, igihano kiduhesha amahoro cyari kuri we, kandi imibyimba ye ni yo adukirisha » (Yesu 53: 4-5).
Ikindi. ukwiye kugendana ubwenge. Abatoranije iri somo ngo rize gutambuka uno musi, bahise mo gusimbuka imirongo ya 10-12, kuko ibuza rwose abakristu gusenga ibishushanyo n’ayandi makosa ashobora ku garagara hirya no hino mu madini yabo. Iyo mmirongo basimvye iravuga iti: « Nuko rero ntimugasenge ibishushanyo nk’uko bamwe bo muri bo babisengaga, nk’uko byanditswe ngo “Abantu bicajwe no kurya no kunywa bahagurutswa no gukina.”Kandi ntimugasambane nk’uko bamwe bo muri bo basambanaga, bigatuma hapfa abantu inzovu ebyiri n’ibihumbi bitatu ku munsi umwe. Kandi ntimukagerageze Umwami wacu, nk’uko bamwe bo muri bo bamugerageje bakicwa n’inzoka (1 Abakorinto 10: 7-9).Afficher l'image d'origine
Murabona ko imirongo nk’iyo bayisomye boba bagiye kwisamburirako. Ariko rero hageze igihe c’uko umutu wese yumva ubu butumwa bwiza bw’ubwami, ko yosohoka muri Babuloni, akihana, kuko nta gakiza kari mu kinyoma co gupfukamira amashusho. Nico gituma mu vyo babasomera vyose, hasomwa 1Abakorinto/Abanyakorenti 10: 1-6, 10-12. 7-9, barahasimba ntibahasoma.

Kandi abacira uyu mugani ati “Hariho umuntu wateye umutini /ifigiye mu ruzabibu rwe, bukeye araza awushakaho imbuto arazibura. Abwira umuhinzi ati ‘Dore none uyu mwaka ni uwa gatatu, nza gushaka imbuto kuri uyu mutini sinzibone. Uwuce, urakomeza kunyunyuriza iki ubutaka?’ Na we aramusubiza ati ‘Databuja, uwureke uyu mwaka na wo, nywuhingire nywufumbire, ahari hanyuma wakwera imbuto. Icyakora nutera uzawuce.’ ” (Luka 13: 6-9). Résultat de recherche d'images pour "Le figuier sterile"Si rimwe, si kabiri, Yesu yama yinginga adusengera ku ntebe y’imbabazi, kugirango ibyago vyagenewe iyi si byigizwe inyuma, kuko abona ko hakiriho abahungu n’abakobwa b’Uhoraho bakirindiriye igihe cabo co kwihana ariko bakaba bakiri mu mashengero y’ikinyoma. Igihe kizogera aho igitigiri cabo gikwira/umubare wabo wuzura, maze imiryango ija ku ntebe y’imbabazi ipfungwe.
Handitswe ngo: « Bene Data kugira ngo mutabona uko mwirata ndashaka ko mumenya iby’iri banga: Abisirayeli bamwe banangiwe/bikomantaje imitima ariko si bose, kugeza ubwo abanyamahanga bazinjira mu Itorero bakagera ku gitigiri gikwiye/ ku mubare ushyitse (Abaroma 11: 25). Abanse kwihana, imbabazi zizoba zibarangiriyeko. Abahawe agakiza bakakanjwanjwako nabo nuko bizoba bibarangiranye. Nico gituma mwumvise inkuru nziza yavuzwe  ngo:  » Haba namba, namwebwe mutihanye, muzoshira murtyo mwese (Luka 13; 3, 5).
Mwuka wera arahamagara yinginga ubu bigishoboka ati:  » Bwoko bwanje, sohoka muveyo (Ivyahishuwe 18: 4). Mbese muvayo muja he? Ego cane hariho, ishengero mujamwo Bibliya iraryerekana neza iti; « Aho ni ho kwihangana kw’abera kuri, bitondera amategeko y’Imana bakagira kwizera nk’ukwa Yesu (Ibyahishuwe 14: 12). Afficher l'image d'origineAho hantu hariho ngaho hafi y’i  wanyu. Ishengero ry’abitondera amategeko y’Imana, harimwo n’isabato (kuko dimanche s’Imana yayitegetse), iryo shengero rirahari, genda barakwakira. Nta gupfira muri Babuloni, n’abakobwa bayo. Kandi ntimugatinye igitsure amatorero ya dimanche abashirako canke amajambo bavuga, kuko ubutumwa ntibwibesha buvuga buti:  » Nimusange amategeko y’Imana n’ibiyihamya. Nibatavuga ibihwanye n’iryo jambo nta museke uzabatambikira (Yesaya 8: 20)
IMAN’IBAHE KWUMVA NO GUTAHURA, MW’IZINA RYERA RYA YESU AMEN
Publié dans:Non classé |on 28 février, 2016 |Pas de commentaires »

ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO 26 RUHUHUMA/ GASHYANTARE 2016

 

ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO CU KU WA 26 RUHUHUMA / GASHYANTARE 2016

Image result for preparation du sabbat

 

Indirimbo:

Har’igihugu ciza cane, Twasezeraniwe n’Imana/ Tukirorere twizigiye, kuko Data yatwiretse

Aheza mw’ijuru tuzohurirayo bagenzi (2x)

Tuzoririmbira mw’ijuru, indirimbo yatugiriye/ Ntituzongera kubabara, tuzoba dushiz’amarira

Dusenge: Data mwiza ugir’ubuntu kand’utangaje, ndakwinginze ngo umpe kugera mur’ico gihugu wadutunganirije, aho tuzoruhukir’isabato itagira inkomanzi mu myaka yose, hamwe na Kristu Umwami wacu. Amen

Ijambo ry’Imana:

Image result for preparation du sabbat

Nuko ku munsi ubanziriza isabato bugorobye, ntegeka yuko inzugi z’amarembo y’i Yerusalemu zikingwa, kandi ko zidakingurwa kugeza aho isabato ishirira, maze nshyira bamwe mu bagaragu banjye ku marembo kugira ngo hatagira umutwaro wose binjiza ku munsi w’isabato. Maze abatunzi n’abagura ibintu by’uburyo bwose, barara inyuma y’i Yerusalemu rimwe cyangwa kabiri. Ndababonye ndabahamya ndababaza nti “Ni iki gituma murara inyuma y’inkike? Nimwongera nzabafata.” Maze uhereye uwo munsi ntibongera kugaruka ku isabato (Nehemiya 13: 19-21)
Mu masaha make buza kuba butangiye kwira kur’uwu musi ubanziriza isabato. Dusabwe gukinga amarembo ya Yerusaremu yacu. Kuko igihe carashitse aho tutazoba tukija gusenga Imana I Yerusaremu, ahubwo tuzoza tuyisengera mu mpwemu no mukuri, kuko Data ashaka abamusenga bartyo. Ntitubabwiye ngo muhindure isabato nka ba bandi bashaka ko Bibliya ihengamira ku mico yabo barazwe na ba sekuru. Oya; ni mwibuke ko uwu ari wa musi Yesu yapfa.  » Umutwenzi / Umuseke utambitse uwo mwanya abaherezi/abatambyi bakuru n’abashingantahe n’abanyabwenge b’Ibyanditswe n’abashingantahe b’amakombe bose Baja inama baboha Yesu, baramujana, bamushikiriza Pilato. Maz’isaha zitandatu zishitse, ubwirakabiri bukorana mu gihugu cose gushika kw’isaha y’icenda. Kw’isaha y’icenda Yesu asemerera n’ijwi rirenga ati: Eloi, Eloi lama sabaktani?

Bugorovye kuko war’umusi wo kwitegura, niwo war’umusi utangurira isabato, haza Yosefu umunyarimataya, umunyekombe w’icubahiro, kandi nawe yari yiteze ubgami bg’Imana, ararinduka aja kuri Pilato, asaba ikiziga ca Yesu. Ariko Pilato Biramutangaza ko (Yesu) yoba amaze gupfa (Mariko 15: 1, 33,  34, 42-44). War’umusi wo kwitegura, isabato igira ishike (Luka 23: 54)
Raba ukuntu iki cigisho kiduha urutonde rw’ukuntu Yesu yarangirije ubuzima bwiwe ku musaraba kur’uwo musi. N’umusi udasa n’iyindi mu mateka y’ubwoko bw’Imana. data yari yawuteguye imbere y’uko arema iyindi misi. Ni wo musi nyene yaremeyeko umuntu:  » Nuko Imana irema umuntu mw’ishusho yayo niho yamuremye; irema abantu bar’uburyo bubiri. Nukw’Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane, Buragoroba buracya, uwo n’umusiugira gatandatu (Itanguriro 1: 27, 31). S’umusi wa gatanu nkuko Satani yabitumenyereje abicishije mu binyoma vy’abanyedini:  UWO N’UMUSI UGIRA GATANDATU (Itanguriro 1: 31).   » Maze ku wa gatandatu begeranya ivyo kurya bingana kabiri n’ivyo bahora bazana… Arababarira ati » Ivyo nivyo Uhoraho yavuze, at’ejo uzoba umusi wo kuruhuka, isabato irobanuriwe Uhoraho; ni bagende barondere ivyo bagomba,  bateke ivyo bagomba, ibisagutse babibike, babiraze (Kuvayo 16: 22-23). Aha hatweretse ko kur’uwo musi baronse ifunguro ryikuvye kabiri, kugira ngo barye ku musi wa 6, bukeye kandi kw’isabato barye, kuko kw’isabato s’umusi wo guteka. S’umusi wo gucuruza nkuko bamwe babigira kuri ya sabato y’ikinyoma ya dimanche. Nehemiya yatubwiye ko abantu b’abacuruzi ko baraye inyuma y’urugo rw’i Yerusaremu, abashirako igitsure, ati; Ni mwasubira nzobafata. Kuko ntaco bapfana  n’Abayuda. Abo banyamahanga basenga za Bayali na za Ashera n’ibindi bigigwamana. Ni nkuko abasenga iyi Mana y’i Yerusaremu, ariyo Mana ya Yesu na Mose na Dawidi na Yohani na Petero na Yakobo, ntaco bapfana n’abasenga imana z’abaroma n’abaporo zibemerera kuruhuka ku musi w’izuba. Ni zo mana n’abanyamahanga bo bafise imana zabo zitagira amategeko. Ego bavuga ko bafise amategeko y’imana, ariko iyo uyasubiyemwo usanmga ar’amategeko y’imana y’idini, atar’Imana y’i Yerusaremu. Nico gituma badatinya gupfukamira abayobozi babo ngo bariko barihana ivyaha, ntibatinya gufata amasuka, inyundo n’imyiko, imisumeno, imizigo ku rutugu, ngo bagiye ku kazi, kandi ari ku musi w’Isabato.
Ariko mweho mur’ubwoko bwatoranijwe, mukoranije kuba abami n’abahereji (abatambyi0 mur’ubwoko bwera, abantu bashiriweho kuba inyegu yiharije, kugirango mukwize ishimwe ry »Imana yabahamagaye ikabakura mu mwiza, ikabashira mu muco wayo utangaje. (1Petero 2:9).
Isengesho ryo mu mwiherero:
Niwiherere uvyibaze, usanga Uhoraho adukunda mu tumenyesha isabato yiwe. Satani aratwanka mu kudusukamwo isabato y’ikinyoma. Ngaka akanya Uhoraho aguhaye ngo umenye uku kuri, ukwiye kubisengera kugira ngo ugendere mu muco wiwe, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
Publié dans:Non classé |on 26 février, 2016 |Pas de commentaires »

TWIRINDE UBUSAMBANYI

TWIRINDE UBUSAMBANYI

Ico Imana igomba n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi; kugirango umuntu wese muri mwebwe amenye kuganziriza umubiri wiwe mu kwezwa no mu kwubaha, atari mu buryo bwo bwo kwangaza imitima mu vyipfuzo, nkuko abanyamahanga batazi Imana bagira (1Abatesalonika 4: 3-5).

Iyi mpanuro iraba twese abambaye umubiri, abahungu n’abakobwa b’Imana. N’ivy’ukuri Imana « yaremye abantu bar’uburyo bubiri ». Maze Imana irabahezagira, iti Ni murondoke, mugwire mwuzure isi muytiganze(Itanguriro 1: 27-28). Ariko hano ijambo ry’Imana hano ryerekanye ko muvyo tugomba kuganza ko harimwo n’imibiri yacu. Nta mbaraga zidasanzwe Imana izotanga ku bantu batemera gukurikiza izi mpanuro ngo bumve ko aribo babwirizwa kuganza imibiri yabo, ko atari imibiri ibwirizwa kubaganza. « Kukw’abaganzwa nakameremere k’umubiri bitwararika ivy’umubiri, kandi abaganzwa n’impwemu bitwararika ivy’impwemu. Kwitwararika ivy’umubiri bizana urupfu, ariko kwitwararika ivy’impwemu kuzana ubugingo n’amahoro. Kuko kwitwararika ivy’umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana, kandi kudashobora kuvyumvira. Kand’abaganzwa na kameremere y’umubiri ntibashobora guhimbara » Imana (Abaroma 8: 5-8)

Ibi ntibisaba guterereza amasengesho vyonyene ngo tubohorwe nkuko benshi babimenyereye. Ego ni vyiza kubwira bene Data ngo badusengere, ariko biradusaba gushiraho natwe ugushaka. Kuko Mpwemu aravuga yeruye ko na twe dufise ico twokora kugirango tubohorwe kur’ico kiza cateye murwaruka, kigasasika ingo, kigatuma benshi ubuzima bwabo buherera mu gahinda n’umubabaro. Aha sinokwibagira na za ngwara zifatira mu myanya ndangagitsina, tudasize inyuma SIDA. Uwu Mpwemu twahawe nk’Umufasha wacu avuga ati: « Isoko yawe igire umugisha, kand’unezererwe umugore wo mu buto bwawe, nk’impongokazi y’urukundo n’ingeregere y’igikundiro, amabere yiwe akubumbe ibihe vyose; kandi wame uhimbarwa n’urukundo rwiwe. N’iki cotuma ga mwana wanje, uhimbarwa n’umugore w’icigenze, ukagwa mu gikiriza c’uwutar’uwawe? (Imigani 5: 18-20). N’uko Uhoraho aduhe kwirinda, ribe isengesho ryacu rya misi yose, twame tugwana intambara nziza kugira ngo twezwe uko bukeye uko bwije,  » kuko uwutejejwe atazoraba Umwami »(Abaheburayo 12: 14); mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 23 février, 2016 |Pas de commentaires »

ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO CO KU WA 23 RUHUHUMA/GASHYANTARE 2016

ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO CO KU WA 23 RUHUHUMA 2016

 

Afficher l'image d'origine

Indirimbo

Mwami ndakwizigiye, Mukiza wanje mwiza

Ndicuz’imbere yawe, Mwami Yesu nkiz’ubu

Ubu ndakwihereje, simbuzwa n’iby’iyi si, Mb’uwawe rwose Mwami, Nguhay’ibyanjye vyose

Ndiringiy’iby’uvuga, Wamviriy’amaraso, Ubu ndicuza cane, Mbambanywe n’Umukiza

Dusenge:

Data mwiza ugir’ubuntu kan’utangaje, mfis’imbaraga nke mur’iki gihe, ndakwinginze ngo undungikire inkomezi ziva mw’ijuru, kugira ngo mbashe guhangana n’ibigeragezo vyo mur’iyi misi y’imperuka mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Ijambo ry’Imana

Dushishikarire kumenya, tugire umwete wo kumenya Uwiteka: azatunguka nk’umuseke utambika nta kabuza, azatuzaho ameze nk’imvura, nk’imvura y’itumba isomya ubutaka.” (Hoseya 6: 3)

Isengesho ryo mu mwiherero:

Wiherere usabe kugira ngo uronke izo mbaraga ziva ku ntebe y’imbabazi, kuko twese turazikeneye mur’iyi misi.

Iman’ikurinde, tuzongera guhurira mur’iri sengesho ejo mu gatondo!

 

 

 

Publié dans:Non classé |on 23 février, 2016 |Pas de commentaires »

ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO CO KU WA 22 RUHUHUMA 2016

ISENGEWSHO RYO MUR’IKI GITONDO CO KU WA 22 RUHUHUMA/GASHYANTARE 2016

Afficher l'image d'origine

Indirimbo:

Ndeger’umusaraba, naniwe nkenye mpumye, Singir’ico nitaho, Rwose nshaka gukizwa

Icitabirizo:

Mwami ndakwizigira, Mukiza wanje mwiza

Ndicuz’imbere yawe, Mwami Yesu nkiz’ubu

Nakwipfujije kera,Njya mbabazwa n’ibyaha, Yes’ambwira nez’ati: Ngukiz’ibicumuro

Isengesho:

Ur’Imana nkuru, ni wewe waremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose. Niwewe wiremeye umuntu umuhuekeramwo impwemu y’ubugingo, maze umuntu aba ufite ubugingo. Ibikorwa vyawe n’agatangaza: Waraye umbungabunze mur’irijoro, umumarayika wawe ntiyigeze amvirira, ndabigushimiye rwose ndagutey’impundu. Mbabarira amafuti yanjye yose, umpe kugendana nawe nkuko Henoki yagenze, maze kuri wa musi uze unkundire kuba mu birimba bihoraho vyo mw’ijuru, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Ijambo ry’Imana:

Reka ishavu, va mu burake, ntuhagarike umutima, kukw’ico kizana gukor’ibibi (Zaburi 37: 8)

Dusabe Uhoraho imbaraga zo kumukorera dufite umunezero. Turakeneye ubufasha bw’ijuru kugira ngo twirinde uburakari mu gihe ab’isi batubangamiye.

Isengesho ry’umwiherero:

Uwu musi ni wamara gusaba ubufasha ukeneye mur’aka kanya, wibuke gusengera imiryango y’abantu batagize aya mahirwe yo kuramuka hamwe n’ababo bose. Ntitukubwiye gusengera abapfuye, ariko abasigaye barakeneye ubufasha. Niba hari n’abo uzi, genda ubaremezhe, bidakunze naho wifatanye nabo mu mutima, Uhoraho arabibona.

Tukwipfurije umusi mwiza mu Mwami Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 22 février, 2016 |Pas de commentaires »

ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO CO KU WA 21 RUHUHUMA 2016

ISENGESHO RYO MUR’IKI GITONDO CO KU WA 21 RUHUHUMA/GASHYANTARE 2016

Afficher l'image d'origine

 

Indirimbo ibanza:

1.Ndumv’umukiz’ambwira ko mbuz’imbaraga/Ngo nze mmuseng’iteka, Ntacyo nzamuburana

Yandihiriye imyenda yose, yambabariy’ibyaha bihinduk’umweru

2. Niw’ufit’imbaraga zihagije rwose/ Zo gukiz’ababembe zikorosh’imitima

3.Ubwo nta ciza nkora, nibesherejweho/ N’ubuntu bwawe gusa, ni wowe nkesha vyose

4. Imbere ya ya ntebe nzahahagarara/Nzaba njyany’iminyago, Nyishikirize Yesu

 

Isengesho:

Uri Uwera, urakwiye gushimwa, wowe ureba abana b’abantu ukababungabunga umw’umwe ukamuha ibimukwiriye kand’ukabikorana urukundo rwawe ruzira guhemuka. Ndaje imbere y’ubwiza bwawe Mwami, kugira ngo umpindure, maze kuva kur’uwu musi mbe uwawe ntihagire ikindi kimpimbara atar’ukubana nawe. Icyampa aha hantu tuvuganiye hagahinduka wa musozi ubwiza bwawe bwabonekaho, maze nkabeshwaho n’ukwizera nka Mose, nkagutunganira nka Eliya, kugirango kuri wa musi nze mbone ubwiza bwawe ndi kumwe nabo. Ibyo mbigusavye mw’izina ry’Uwaducunguye Krito, Umwami wacu. Amen.

Isomo ryo muri iki gitondo riva mu Butumwa bwiza bwanditswe na Luka 9: 8-36

Yesu arabagirana; Mose na Eliya babonekana na we

28.Hanyuma y’ibyo hashize iminsi munani, ajyana Petero na Yohana na Yakobo, azamuka umusozi ajya gusenga.
29.Agisenga ishusho yo mu maso he ihinduka ukundi, n’imyenda ye iba imyeru irarabagirana.
30.Abantu babiri bavugana na we, ari bo Mose na Eliya,
31.baboneka bafite ubwiza bavuga iby’urupfu rwe, urwo agiye kuzapfira i Yerusalemu.
32.Petero n’abo bari bari kumwe barahunikiraga, bakangutse rwose babona ubwiza bwe burabagirana, n’abo bantu babiri bahagararanye na we.
33.Nuko bagiye gutandukana na we Petero abwira Yesu ati “Databuja, ni byiza ubwo turi hano. Reka duce ingando eshatu, imwe yawe, indi ya Mose, n’indi ya Eliya.” Yabivugiye atyo kuko atari azi icyo avuga.
34.Akibivuga igicu kiraza kirabakingiriza, bakinjiyemo baratinya.
35.Ijwi rivugira muri icyo gicu riti “Nguyu Umwana wanjye natoranije mumwumvire.”
36.Iryo jwi ricecetse babona Yesu ari wenyine, barabizigama ntibagira uwo babwira ikintu cyose mu byo babonye.
Kwiga Ijambo ry’Imana:
Yesu yakunze cane kugendana n’aba bigishwa batatu, mu bihe bikomeye. No mu gihe yariko aragoyagoya i Getsemane ni bo bari kumwe nawe. Ikibabaje, n’uko aba bantu umenga, barakunda guhunikira cane. Kandi bahunikira mu bihe bigoye vyari kubaha inyigisho z’agaciro. Turasoma ngo: «  Amaze gusenga arahaguruka ajya ku bigishwa be, asanga basinjirijwe n’agahinda. Arababaza ati “Ikibasinjirije ni iki? Nimubyuke musenge kugira ngo mutajya mu moshya.” (Luka 22: 45-46). Izi n’ingorane zikomeye kw’itorero ry’iki gihe. Tugeze mu bihe bikomeye, kandi twiga vyinshi tukabona vyinshi, ariko mu gihe Yesu adukeneye, duca dusinzirira mu vy’isi. Igice gikomeye mur’iki kiganiro Yesu yagiriranye na Mose ntibacumvise, bazanzamutse basanga ubwiza bw’ijuru buri imbere yabo. Ntibumvise byinshi, kuko bagize naho bokwihweje neza, Petero atangura kwiyumvira ukuntu abubakira insago  » abwira Yesu ati “Databuja, ni byiza ubwo turi hano. Reka duce ingando eshatu, imwe yawe, indi ya Mose, n’indi ya Eliya.” Yabivugiye atyo kuko atari azi icyo avuga. Akibivuga igicu kiraza kirabakingiriza, bakinjiyemo baratinya.
Reka ibi bitwibutse ba bakobwa cumi, abanyabgenge n’ibipfu ngo: « Umukwe atinze bose barahunikira, barasinzira. “Ariko nijoro mu gicuku habaho urusaku ngo ‘Umukwe araje, nimusohoke mumusanganire!’ Umwami wacu Yesu-Kristo aratwihaniza akatwihanangiriza ko tudakwiye gusinzira nka ba Petero. Atubwira ati: « “Nuko mube maso kuko mutazi umunsi Umwami wanyu azazaho. Ariko ibi mubimenye, iyaba nyir’urugo yari amenye igicuku umujura azaziramo yabaye maso, ntiyamukundiye gucukura inzu ye. Nuko namwe mwitegure, kuko igihe mudatekereza ari cyo Umwana w’umuntu azaziramo. “Mbese ni nde mugaragu ukiranuka w’ubwenge, shebuja yasigiye abo mu rugo rwe kubagerera igerero igihe cyaryo? Uwo mugaragu arahirwa, shebuja naza agasanga abikora. (Matayo 24: 44-46). Abagaragu ba Kristu bakora iki gikorwa co kubabura ubutumwa bwiza, ntibakwiye guhunikira, gushika igihe Yesu azazira agasanga bakiri ku murimo.
Nico gituma aba abagabo babiri babonetse kur’uwu musozi ari Mose na Eliya. Bisobanura ngo: Hariho abazakora Nyagasani Imana yacu, bagapfira mu murimo nka Mose kandi bagasezera iyi si badahemutse. Naho baboneka ko ivyaha, Uhoraho arazi ibigeragezo banyuzemo nka Mose. Ni bihane ibyaha byabo, bavyature, Uwiteka ntahemuka, kubw’urukundo rwe yadukundiye muri Kristu, azabageza i Kanani ho mw’ijuru nkuko yahagejeje Mose.
Eliya nawe kuba yarabonetse mu bwiza bw’ijuru kur’uwo musozi, bisobanura ko hariho abakozi b’Imana bazavuga ubutumwa batajenjeka, nkuko Eliya yabigenjeje imbere y’umwami n’igihugu c’abagumutsi. Ariko arahagarara yuzuye imbaraga z’Umwuka Wera aravuga ati: «  Maze Ahabu abonye Eliya aramubwira ati “Mbega ni wowe n’umuruho wateye Isirayeli?” Na we aramusubiza ati “Erega si jye wateye Isirayeli umuruho, ahubwo ni wowe n’inzu ya so kuko mwaretse amategeko y’Uwiteka, mugakurikira Bāli. Nuko Ahabu atumira Abisirayeli bose n’abo bahanuzi, abateraniriza ku musozi w’i Karumeli.

Nuko Eliya yegera abantu bose aravuga ati “Muzageza he guhera mu rungabangabo? Niba muzi ko Uwiteka ari we Mana nimumukurikire, kandi niba ari Bāli abe ari we mukurikira.” Abantu ntibamusubiza ijambo na rimwe (1Abami 18: 17-18; 20-21).
Uko niko Abagabura ubutumwa bwiza bagomba guhagarara mur’iyi misi ya nyuma, bakavuga badatinya igitsure c’abategetsi ba Leta n’amadini, kuko ikibaraje ishinga ar’ukugwanirira Ibwirizwa Nshingiro/Itegeko Nshinga ry’igihugu cabo co mw’ijuru, ariryo ririmwo ya Sabato twama tuvuga. Ni mugire umusi wa mbere w’Isabato mwiza mw’izina ryera rya Yesu. Amen
Ugushigikira igikorwa c’Imana:

Mwese ntimufise uburyo bwo gushigikira ubu butumwa ngo bushike kuri benshi ariko ababishoboye bo bikora. Ico mwese mushoboye n’ukugira imbabazi ku baturanyi banyu, mu gafasha abakene, impfuvyi n’abapfakazi, mukaraba abagwaye mu bitaro n’abari mu mabohero n’ibindi. Bishobora kuba ngombwa ko ukenera ubufasha bwa bagenzi bawe, ntugatinye kuvyandika, kuko ibi twandika birasomwa ku migabane iitanu y’isi.

Dusenge: Wakoze Mwami kubera aka kanya keza ko kwiga Ijambo rywe, izina ryawe ni rihimbazwe. Ndakwinginze ngo umpe gukanguka no kugendana nawe umusi ku musi,nkuko Mose na Eliya bagenda, nkuko Petero na Yohani na Yakobo mwagendanye, maze no mu bwami bwawe uzampe kwicara mu buryo bwawe kubw’urukundo rwawe ruzira guhemuka. Mw’izina ryera rya Yesu. Amen.
Indirimbo iheruka:
Nkuyoboke Mwami nkuyoboke, Naho natendekwa ku musaraba
Naba nkiririmba: Nkuyoboke Mwami, Nkuyoboke Mwami Nkube bugufi
Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke, Mu makuba yose, mpagarikira
Ni nterwa n’ivyago, umpe kwihangana, Nkuyoboke Mwami, Nkube bugufi
Nkuyobike Mwami Nkuyoboke, Jy’untabar’iteka ngumye nkwizere!
Umwanzi n’atera, Ujy’ungwanirira, Nkuyoboke Mwami Nkube bugufi
Nkuyoboke Mwami, nkuyoboke, wakinguy’ijuru, Nyobor’ah’uri
Mugenzi komera,Urenda gukira, Nkuyoboke Mwami, Nkuyoboke
Publié dans:Non classé |on 21 février, 2016 |Pas de commentaires »

NGO IDINI N’IBIKORWA VYIZA NTIBIJANA UMUNTU MW’IJURU?

IBISUBIZO VYAHAWE ABAKWIRAKWIZA ICO KINYOMA BAGAFUDIKA INYIGISHO Y’INTUMWA PAULO

Afficher l'image d'origine

Idini ry’ikinyoma ntirijana umuntu mw’ijuru, ariko itorero cangwa ishengero ry’ukuri bishobora kujana umuntu mw’ijuru. Imirimo nayo ishobora kujana umuntu mw’ijuru iyo ivuye ku kwizera. Reka nisobanure. Kristo ntiyapfiriye ubusa, « ahubwo ni ukugira ngo abana b’Imana batatanye abateranirize hamwe. » (Yohani 11: 52). Ni we Mutwe w’umubiri, ni we Torero kandi ni we Tangiriro, ni imfura yo kuzuka mu bapfuye kugira ngo abe uwa mbere uhebuje byose, kuko Imana yashimye ko kuzura kwayo kose kuba muri we. Kandi imaze kuzanisha amahoro amaraso yo ku musaraba we imwiyungisha n’ibintu byose, ari ibyo ku isi cyangwa ibyo mu ijuru (Abakolosayi 1: 18-20). Aha rero biragaragara ko itorero rya Kristu rishobora kukugeza mw’ijuru, kuko niryo ririmwo ivya ngombwa vyose dukeneye byatugeza yo. Yego, umuntu akizwa ku giti cye na Bibliya irabihamya (Ezekiyeli 14, Yesaya 27: 12), ariko Yesu arakwereka bene Data mufadikanya urugendo kuko abizera bagize umuryango ariwo torero nico benshi bita idini (Ibyakozwe n’Intumwa 11:25-26). Ariko ubundi niba itorero ritazangeza mw’ijuru nkaja guterana muri ryo, noba ndahashak’iki?

Afficher l'image d'origine

Abavuga ko itorero ritazajan’umuntu mw’ijuru, turabatahura, kuko barazi ko iryabo ritazaja mw’ijuru. Ariko ku bahisemo itorero ry’ukuri bo, ntibagire ubwoba bazagerayo. Gusa, bakurikire ibendera rya Kristo ryanditswe ho ngo: « Aho ni ho kwihangana kw’abera kuri, bitondera amategeko y’Imana bakagira kwizera nk’ukwa Yesu (Ibyahishuwe 14: 12). Wibuke ko mur’ayo mategeko harimo n’Isabato y’umusi w’indwi (samedi). Ibikorwa navyo iyo bivuye ku kwizera, biratugeza mw’ijuru. « Wa muntu utagira umumaro we, ntuzi yuko kwizera kutagira imirimo ari impfabusa?Nuko rero nk’uko umubiri udafite umwuka uba upfuye, ni ko no kwizera kudafite imirimo kumeze, kuba gupfuye » (Yakobo 2: 20, 26). Bibliya irigisha neza ko ibikorwa byiza bivuye ku kwizera ko bifise umumaro, mur’aya majambo ngo: « “Andika uti ‘Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami wacu.’ ” Umwuka na we aravuga ati “Yee, ngo baruhuke imihati yabo, kuko imirimo yabo ijyanye na bo ibakurikiye.”kandi ahawe kwambara umwenda w’igitare mwiza, urabagirana utanduye.” Uwo mwenda w’igitare mwiza ni wo mirimo yo gukiranuka y’abera. (Ibyahishuwe 14: 13 na 19: 8).

Har’amatorero yishora mu mirimo y’ivugabutumwa, kwubaka insengero, gukora imihango yera, n’ibindi…, kandi Yesu atayazi. Abo nibo bakunda gukoma induru ngo: Idini ntirijana umuntu mw’ijuru, ngo imirimo ntijana umuntu mw’ijuru; kuko idini ryabo koko ntawe ryajana mw’ijuru, kandi n’ibikorwa vyabo Yesu ntabizi. Erega ibikorwa cangwa amasengesho tugira tutaramenya kwumvira amategeko y’Imana nta mumaro bifite. Vyose bitangira kugira agaciro iyo twemeye gukizwa. Gukizwa n’ukureka ivyaha, ukabiremeka Ntama w’Imana (Umwagazi w’Imana) N’ukuri abataremera ko isabato y’Imana iri mu mategeko cumi, ntibaba barihana, kuko « Umuntu wese witondera amategeko yose agasitara kuri rimwe, aba ayacumuye yose » (Yakobo 2: 10).

Afficher l'image d'origine

Ijambo ry’Imana ryemeza ko ivyo bikorwa bishobora kudukiza, kuko biba byateguwe nayo ngo tubigenderemwo. Si bya bikorwa vya kera vy’impfagusa bitegekwa n’idini canke kameremere yacu « Mwakijijwe n’ubuntu ku bwo kwizera, ntibyavuye kuri mwe ahubwo ni impano y’Imana. Ntibyavuye no ku mirimo kugira ngo hatagira umuntu wirarira, kuko turi abo yaremye ituremeye imirimo myiza muri Kristo Yesu, iyo Imana yiteguriye kera kugira ngo tuyigenderemo (Abefeso 2: 8-10). Iyo bivuye kuri twe ntibigira umumaro. Ariko Iman’ishimwe kuko « kuko turi abo yaremye ituremeye imirimo myiza muri Kristo Yesu, iyo Imana yiteguriye kera kugira ngo tuyigenderemo  » (Abefeso 2: 10). » Nuko bene Data bakundwa, mukomere mutanyeganyega murushaho iteka gukora imirimo y’Umwami, kuko muzi yuko umuhati wanyu atari uw’ubusa ku Mwami « \(1Abakorinto 15: 58)

Publié dans:Non classé |on 21 février, 2016 |Pas de commentaires »

ISABATO YABAYEHO KUBW’UMUNTU (Mariko 2: 27)

ISABATO YABAYEHO KUBW'UMUNTU (Mariko 2: 27) masters-of-transport

MU KANYA GATO KUR’UWU MUGOROBA, ISABATO IRATANGIRA. N’UBU NYENE UMWAMI WACU YESU-KRISTU, ARABONA KO MWARUSHE MUR’IYI MISI MUMAZE MUKORA AKABABWIRA ATI: “Muze mwenyine ahiherereye, aho abantu bataba muruhuke ho hato.” (Mariko 6: 31)20120513-head%20Transport_%20Ivory%20CoastA farm labourer carrying bananas on his head from fields due to lack of road facility.— Photo: A. MuralitharanRésultats de recherche d'images pour « transport des briques sur la tete »
« ubwo bwoko ni bwo yabwiye ati “Uku ni ko kuruhuka mureke urushye aruhuke, aho ni ho buruhukiro.” Ariko banga kumva( Yesaya 28: 12).

 

b74cb741b417d712bc9e5247a391595b-6188e

Uku ni ko Uwiteka avuga ati: ‘Mwirinde mutikorera umutwaro ku munsi w’isabato, haba no kuwucisha mu marembo… Ntimugasohore umutwaro mu mazu yanyu kuri uwo munsi kandi ntimukagire umurimo wose mukora, ahubwo mujye mweza umunsi w’isabato nk’uko nabitegetse ba sogokuruza…  ntimugire umutwaro mucisha mu marembo y’uyu murwa ku munsi w’isabato, ahubwo mukaweza ntimugire umurimo muwukoraho (Yeremiya 17: 21, 22, 24).

TUBIPFURIJE ISABATO Y’IBYISHIMO, AMAHORO N’UMUNEZERO MURI KRISTO, UMWAMI W’ISABATO. AMEN
Publié dans:Non classé |on 19 février, 2016 |Pas de commentaires »
123

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire