Archive pour novembre, 2015

BOSE NTIBASENGA IMANA IMWE

BOSE NTIBASENGA IMANA IMWE. HAR’ABASENGA IMANA N »ABASENGA IBIGIRWAMANA.

Iki cigisho nagishizeho kubera mushiki wacu  G. Nshimirimana, ariko gishobora no kubagirira akamaro mwese. Canditswe mu kirundi gusa kugirango bimworohere,

Imana Rurema ikwiye gusengwa n’imwe. Niyo yaremye ijuru n’isi iruhuka ku musi ugira indwi.  » Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze. N’uko Imana ihezagira uwo musi w’indwi, iraweza, kuko ariwo Imana yaruhukiyeko ibikorwa vyayo vyose yakoze (Itanguriro 2: 2-3).

BOSE NTIBASENGA IMANA IMWE hqdefault

Imana Rurema rero yasubiye kwibutsa Abantu bayo ku musozi Sinayi mu mategeko cumi iti: Wibuke kuziririza umusi w’Isabato. Mu misi itandatu uze ukore, abe ariyo ukoreramwo ibikorwa vyawe vyose, ariko umusi ugira indwi niyo sabato yanje jewe Uhoraho Imana yawe.Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo, wewe ubwawe, canke umuhungu wawe, canke umukobwa wawe, canke umugurano wawe, cank’umuguranokazi wawe, cank’inka zawe, canke uw’ inyambukira aba i wawe; kukw’imisi itandatu ariyo jewe Uhoraho naremeyemwo ijuru n’isi, n’ikiyaga n’ibiri murivyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi, nico catumye jewe Uhoraho mpezagira uwo musi w’isabato nkaweza (Kuvayo 20: 8-11).

Hariho rero ibintu bitatu Uhoraho yashize kur’uwu musi w’indwi, bituma udasa n’iyindi misi: 1/ Yararuhutse 2/ Arawuhezagira 3/Araweza (awugira mweranda). Ivyo bintu bitatu nta wundi musi twobisangako. No kuri dimanche, ntabihari. Kuko kuri dimanche Bibiliya ivuga neza ko war’umusi wo kurima, nkuko n’uwu musi nta tegeko ry’Imana ritubuza kurima. Handitswe ngo: Ku wambere w’imisi ndwi mu gahuru, hatarabona, Mariya Magdalene aja ku mva, asanga ikibuye cakuwe ku mva…. Mariya yar’ahagaze ku mva arira. Yesu aramubaza ati;Mbega nyina wanje urizwa n’iki? Urondera nde? NAWE YAGIRANGO N’UMURIMYI WAHO (Yohani 20: 1, 11, 15). Kur’uwo musi wa mbere niwo musi Yesu yazutse, niwo twita kucumweru, kumusi w’Imana, dimanche.

Imana Rurema, iremeza mw’ijambo ryayo ko dimanche ar’umussi wa mbere. Shetani ariyo Satani,niyo yigishije abantu ko dimanche ar’umusi w’indwi, abakozi bayo baravyemera baravyigisha. Niho Yesu avuga ati: « Mwebwe mur’aba so wa Mwansi, kandi ivyo So yipfuza nivyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubwa mbere na mbere hose ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma avuga ivyiwe, kuko ar’umunyabinyoma, kand’ariwe se wavyo (Yohani 8: 44). Uwo Shetani niwe yazanye ivyo vyo kuvuga ngo dimanche n’umusi w’imana, Iyo mana ya dimanche ni Shetani ubwayo, kuko Imana Rurema niyo yonyene ifise Isabato.

Iyo mana rero ya dimanche s’Imana Rurema, nta kintu na kimwe yaremye, ahubwo igomba gufudika ivyo Imana y’ukuri yiremeye. Bibiliya yigishako Imana Rurema yatoranije Isabato, ikayita umusi wayo, ntiyatoranije dimanche. Dusoma ngo: Ni wakura ikirenge cawe ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, ariko ukita isabato umusi w’umunezero, mber’umusi wanje wera, ukawita uw’icubahiro… (Yesaya 58: 13).

Abo bandi bigishiriza iyo mana yabo bakavuga ko yabatumye kwigisha ko dimanche ariwo musi w’ikiruhuko, urumva ko tudasenga Imana imwe nabo. NICO GITUMA TUVUGA KO IMANA ATARI ZIMWE. Twebwe duhamagariwe gusenga iyi Mana imwe Rurema gusa kuko na none handitswe ngo: Musenge Iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko (Ivyahishuwe 14: 7).

Ngo UWUTARUKUYAGIYE ABA ARUGUSIGANYE: Imana yantumye kukubwira ngo: Uko ukwiye kubabwira n’uku: IMANA ZITAREMYE IJURU N’ISI NIZO ZIZOHERENGETEZWA MW’ISI NO MUSI Y’IJURU (Yeremiya 10: 11). Turiko turagenda twegereza ijuru,kandi, IMBWA YAHIYE KU MURIZO NGO BURACA TUHARABE! Kuko amahanga yose azogenda, rimwe ryose rigendere musi y’imana yaryo, ariko tweho tuzogendera mw’izina ry’Uhoraho Imana yacu gushitsa ibihe bidashira (Mika 4: 5). Kubwa Kristu, Umwami wacu. Amen

ANDIKA ICO IGITEKEREZO CAWE CANKE IKIBAZO NGAHA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans:Non classé |on 29 novembre, 2015 |Pas de commentaires »

NONE ABASENGA DIMANCHE NGO NTIBAZOJA MW’IJURU?

 

NONE NGO ABASENGA DIMANCHE NGO NTIBAZOJA MW’IJURU?

NONE ABASENGA DIMANCHE NGO NTIBAZOJA MW'IJURU? PastoralWkofPrayer300

Mu vyanditswe Vyera, nta kintu na kimwe kigaragaza ko abasenga dimanche batazoja mw’ijuru.  Mu vy’ukuri ikibazo, s’umusi umuntu asenga ko, ikibazo n’umusi  twubahiriza, umusi wo kuruhuka. Kuko dushobora gusenga umusi wose dushaka,  » ariko umusi wa karindwi n’isabato y’Uwiteka (Kuva 20: 10).  Har’ukuntu Satani yifatiye amatorero yacu, atwereka ko gusenga arivyo bifite agaciro kuruta kwumvira Uwiteka. Nizo mpamvu usanga bose bakanguka bavugango, gusenga n’ugusenga ngo twese twemer’Iman’imwe ngo ng’umusi ntaco uvuze. Ariko rero Bibiliya ivuga ko dukwiye gutangira kwumvira amategeko imbere yo kurata amasengesho, imbere yo kuririmba muri za chorales, mbere yo kwirata ibitaramo, ingendo ndende z’iyobokamana, n’imirimo. « Nkuraho urusaku rw’indirimbo zawe, kuko ntashaka kumva ijwi ry’inanga zawe. Uwiziba amatwi ngo atumva amategeko,Gusenga kwe na ko ni ikizira » (Amosi 5: 23, Imigani 28: 9). Ikindi, « Ntibyavuye no ku mirimo kugira ngo hatagira umuntu wirarira, kuko turi abo yaremye ituremeye imirimo myiza muri Kristo Yesu, iyo Imana yiteguriye kera kugira ngo tuyigenderemo »  Abanyefeso 2: 9-10). Ngirango murumvako ivyo dukora vyemerwa iyo twamaze gukizwa, kuko niho Imana ica iduha imirimo yatubikiye kuva kera hose ngo tuyigenderemwo. Ntushobora kuvuga ngo warakijijwe kandi ufite itegeko uhakana. Yesu icatumye Se amwemera akanamuzura mubapfuye, n’uko yahisemwo kwumvira amategeko ya Se. Agira ati: Nimwitondera amategeko yanjye muzaguma mu rukundo rwanjye, nk’uko nanjye nitondeye amategeko ya Data nkaguma mu rukundo rwe (Yohani 15: 10). Abigisha rero ngo isabato yarahindutse ngo dimanche niwo musi w’Imana, Bibliya ibita ABANYABINYOMA, mur’aya majambo ngo: Uwugira ngo Ndamuzi, atubahiriza amategeko yiwe, n’umubeshi nta kuri kuri muri we (1Yohani 2: 4).

Abubahiriza isabato yo mw’itegeko  ry’Imana, ntakibabuza gusenga kuri dimanche, cyangwa, lundi, mardi, mercredi, n’ahandi. Gusa,  niba twirinda gusambana, tukirinda kwiba, kubeshya, gusenga ibigirwamana, n’andi mategeko, dukwiye kumenyako n’iryo rindi twirengagiza ryanditswe ku bisate vy’amabuye hamwe n’ayo yandi, ndetse nirya kane.

Har’ukuntu abantu bahinduye urutonde rw’amategeko, amwe barayasiba, andi bayanyuraguramo ibice. Nico gituma ngusavye ko ujye usoma mu gitabo co KUVA 20: 3-17, Yakobo 2: 10, n’Ivyahishuwe 14: 12).

Bibliya ivuga ko isabato ar’ikimenyetso kidutandukanya n’andi mahanga cangwa andi matorero, amadini. Handitswe ngo: Kandi mweze amasabato yanje, abe ikimenyetso hagati yanje namwe kugirango mumenye ko nd’Uwiteka ubeza (Ezekiyeli 20: 20). Nico kimenyetso kiranga ubwoko bw’Imana. Handitswe mu Banyefeso ngo: Ntimurakaze Mwuka Wera mwahawe ko ikimenyetso kugeza ku musi wo gucungurwa (Abefeso 4: 30). Ariko murareba neza, musanga urya Mwuka Wera avugwa ar’umwe Yesu yemerera abamwizera muri Yohani 16: 13.  Amwita Mwuka w’ukuri. Kuko hariho umwuka w’ibinyoma nawe. Ijambo ry’Imana niryo kuri (Yohani 17: 17). Kandi uwo Mwuka niwe warihumekeye mu bahanuzi. N’isabato yatangiwe muri Edeni, itangwa n’Imana Data,Umwana, Mwuka Wera. (Itanguriro 1: 26, 2: 1-3)

Abantu bakunda kwitiranya Isabato n’Itorero ry’Abadivantiste. N’ukwibesha cyane. Abandi bakunda gukusanya ivyaha vy’Abadivantiste n’ivy’Abayuda, bakabona urwitwazo rwo kwanga isabato. Nagira babwire ko no guhungira mw’itegeko ry’isabato ya Satan, ariyo Sunday, umusi wari wagenewe kuramya izuba mu madini ya Satani, ari yo ya Bayali, navyo nta gakiza karimo. Ivy’ivyaha vyo twese tur’abanyavyaha, ariko iyo twemeye ivyaha Umwami Yesu ahita adutwikiriza umwabarowe w’ubukiranutsi. Inzira zindi zazanywe n’amatorero ntizishika, kuko handitswe ngo: « “Nuko rero bana banjye nimunyumvire, Kuko hahirwa abakomeza inzira zanjye. Mwumve ibyo mbahugura mugire ubwenge, Ntimubwange. ahirwa umuntu unyumvira, Akaba maso mu marembo yanjye iminsi yose, Agategerereza ku nkomo z’imiryango yanjye. Kuko umbonye wese aba abonye ubugingo, Kandi azahabwa umugisha n’Uwiteka, Ariko uncumuraho aba yononnye ubugingo bwe, Abanyanga bose baba bakunze urupfu.”(Imigani 8: 32-36)

Isabato yahawe umuntu muri Edeni (Mariko 2: 27, Itangiriro 2: 1-3). Abayobozi b’amatorero iyo bibasira Abadivantiste n’Abayuda nk’aho aribo barebwa n’isabato cyangwa nk’aho aribo bayihawe gusa, ico gihe Bibiliya yerekana ko abanyamadini baba bihakanye ikimenyetso c’Uwiteka, kugirango bakomeze ikimenyetso cabo ca gipagani ca Babuloni, arico ca Bayali na Roma: dimanche. Zaburi iravuga iti: Ababisha bawe batontomeye hagati y’inzu twateraniragamo kugusenga, Bashingiye amabendera yabo kuba ibimenyetso (Zaburi 74: 4). Nivyo, abo bantu binjiye mw’itorero rya Kristu, bashingura ibendera ry’Uwiteka ryanditse ho ngo: Aho ni ho kwihangana kw’abera kuri, bitondera amategeko y’Imana bakagira kwizera nk’ukwa Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Ubu bashinze iryabo ryanditseho ngo: Aha niho abenshi bababarizwa, bitondera amategeko y’amatorero, bakagira ukwizera nk’ukwa padiri canke pasitori. Muri make isabato yatanzwe ata Muyuda arabaho cyangwa umudivantiste.

Reka turangize iki cigisho tubabwira ko iyo mana y’amadini itegeka abayoboke bayo ngo baruhuke dimanche, s »Imana Rurema, nta kintu yaremye, ntizi no kurema. Imana Rurema ikwiye gusengwa, niyo yaremye ijuru n’isi mu misi itandatu iruhuka ku musi ugira indwi ni wo sabato y’Uwiteka. Ni yatumye umwana wayo Yesu kudupfira. Uriya Yesu amatorero yigisha, si we, nta naho ahuriye na Yesu yatumwe na Data. Yesu, umwana wa Data yavuze ati: “Nimunkunda muzitondera amategeko yanjye.  Nimwitondera amategeko yanjye muzaguma mu rukundo rwanjye, nk’uko nanjye nitondeye amategeko ya Data nkaguma mu rukundo rwe(Yohani 14: 15, 15: 10)

Uku s’ukubasebya, ariko tuvuga ibintu uko vyanditswe ngo: Muzababwire mutya muti “Izo bita imana zitaremye ijuru n’isi, zizacibwa ku isi no munsi y’ijuru.(Yeremiya 10: 11). Ndasubiramo, kuko benshi bibagora gutahura, imana ihindagurika igahindura n’amategeko yayo,  n’isabato ikayihindura, igahamagarira abayoboke bayo kuramya no kwizihiza icyuweru, s’imana nya mana, ntizi kurema, ntacyo yaremye, kuko ntiyaruhutse isabato. Iyo mana yaruhutse dimanche nta yiri muri Bibliya. Ehe na Yesu yarayihakanye, nawe iyo Mana itagira amategeko (Yesu)ntayemera: Mwumvirize: “Mwitekereza ko naje gukuraho amategeko cyangwa ibyahanuwe. Sinaje kubikuraho, ahubwo naje kubisohoza. Kandi ndababwira ukuri yuko ijuru n’isi kugeza aho bizashirira, amategeko atazavaho inyuguti imwe cyangwa agace kayo gato, kugeza aho byose bizarangirira. Nuko uzica rimwe ryo muri ayo mategeko naho ryaba ryoroshye hanyuma y’ayandi, akigisha abandi kugira batyo, mu bwami bwo mu ijuru azitwa mutoya rwose. Ariko uzayakora akayigisha abandi, mu bwami bwo mu ijuru azitwa mukuru(Matayo 5: 17-19)

TUVUGANE UKURI TUTABESHANA, IRYO TORERO RYAWE UBONA RYICA ANGAHE? Singusavye igisubizo, ariko wibaze ubwawe nk’ubu ari Yesu akubajije ico kibazo wakwishura iki?

Iman’iguhe gutahura, mw’izina ryera rya Yesu, Amen.

ANDIKA IGITEKEREZO CAWE CANKE IKIBAZO HARIYA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans:Non classé |on 28 novembre, 2015 |Pas de commentaires »

UBUPAPA

TUREKE IBIVUGWA MU GITABO C’INTAMBARA IKOMEYE, TUREBE IBIRI MURI BIBLIYA.

Mushiki wacu Josiane,

ndakwipfurije amahoro y’Imana n’imigisha yo mw’ijuru irut’indi! Nabonye ikibazo wabajije ku vyerekeye « Umushumba wa Kiliziya Gatorika », ariko nanze gusubiza kuko nabonye akavuyo kenshi, kavanze n’ibitutsi mu bitekerezo baguha.

Jewe rero ndashaka ico kibazo tugisuzumire hamwe twifashishije Bibiliya, kuko niyo jambo ry’Imana. Iyo tuvuze ngo Abadivantiste b’umusi wa karindwi, tuba twemeza ko hariho n’umusi wa mbere, wa kabiri, wa gatatu…. Umusi wa karindwi n’isabato y’Uwiteka (Kuva 20: 10). Kuwita uwa gatandatu vyazananye na Roma, ibiteragira mu matorero yose, no mugipagani hose.

UBUPAPA calendrier-novembre-2015-1560x1226

Uyu muntu twita « Umushumba wa Kiliziya Gatorika, akaba akorera i Roma, aho Petero yavugiye ubutumwa, agapfa ahahimbye izina ribi ngo ni »i Babuloni. Reka tubisome: « Itorero ry’i Babuloni ry’abatoranijwe nkamwe rirabatashya » (1Petero 5: 13). Petero ntiyabaye i Babuloni, ndetse mu gihe yaba i Roma, Babuloni yari yarashenywe haciye imyaka 350. Ariko Roho Mutagatifu, uwo abandi bita Mwuka Wera, ntiyakundiye Petero ko yandika ngo Itorero ry’i Roma, yamwandikishije ngo: Itorero ry’i Babuloni…

Babuloni rero mw’isezerano risha, isobanura Roma. Kandi Babuloni ariyo Roma nyine mw’Isezerano risha, handitswe ngo igiye kugwa, kuko ariho mw’irindiro ry’abadayimoni n’imyuka ihumanya. Dusoma ngo: « Arangurura ijwi rirenga ati “Iraguye iraguye, Babuloni ikomeye! Ihindutse icumbi ry’abadayimoni, aharindirwa imyuka mibi yose n’ibisiga byose bihumanye kandi byangwa.  Kuko amahanga yose yanyoye inzoga ari zo ruba ry’ubusambanyi by’uwo mudugudu, kandi abami bo mu isi basambanaga na wo, abatunzi bo mu isi bagatungishwa n’ubwinshi bw’ubutunzi bwawo no kudamarara.” (Ivyahishuwe 18: 2-3)

Uwo rero wita umushumba wa Kiliziya Gatorika, ni we yahangaye kwiyita izina ry’Imana, yiyita Nyir’ubutungane, agera n’aho ahindura amategeko ya Nyagasani, amategeko agera kur’atatu, ndetse n’ane.

Reka turebe ayo mazina ye ico Ijambo ry’Imana riyavugaho: Nyir’ubutungane, ariryo ryitwa » Sa Saintete mu gifransa, cyangwa His Holiness mu congereza, n’izina abaturage b’ijuru bavuga bashima Imana mw’ijuru gusa(Ivyahishuwe 4: 8), kuko nta muntu wera, nta muntu utunganye, nta n’uzabaho, Imana niyo Yera gusa Buriya Papa n’umuntu kandi ashobora gupfa.. Yesu yahaye Se gusa ati: DATA WERA (Yohani 17: 11).N’izina rimwe rukumbi rigaragara mur’ayo magambo. Ariko Papa w’i Roma baramwita Saint-Pere, Holy Father, mbere bakamugerekeraho n’akantu ngo: Tres Saint Pere, Most Holy Father, Data Wera cane. Yesu aratwihanangiriza kumwita data, kandi izina papa rifite ubusobanuro bumwe na papa, umubyeyi. Yesu agira ati: Kandi ntimukagire umuntu wo mu isi mwita Data, kuko So ari umwe, ari uwo mu ijuru(Matayo 23: 9).

Umuhanuzi Daniyeli yari yaravyeretswe, ukuntu hazabaho umwami azategekera Roma, akigira igikomerwa, akagira n’imigambi yo guhindura amategeko. Dusome: Ni we uzavuga ibyo kugomera Isumbabyose, kandi azarenganya abera b’Isumbabyose. Azigira inama zo guhindura ibihe n’amategeko(Daniyeli 7: 25). Iyo usomye ico gice ca 7 ca Daniyeli, kuva ku mmurongo wa 19, berekana ko uwo mutegetsi azakora ayo mafuti azakomoka mu bwami bugira 4 buzategeka isi, ndetse ku murongo wa 21, bamugereranya n’agahembe kameze mu bwami bwa 4. Abazi ivy’amateka bose baremeranya n’igitabo ca Daniyeli, ko iyi si yategetswe n’ubwami bune bukomeye, 1. Ubwa Babuloni, 2. hakurikiraho Ubw’Abamedi n’abapetesi, 3. Haza ubw’Abagreki, 4. Hanyuma ubw’Abaroma, ubu tugaba turi mu bisigarira vy’ubwami bw’Abaroma, aribwo twita Ubupapa. Roma ni nayo yategetse ko abakuru ba Kiliziya bapfukamirwa, ariya mazina ya ba reverend, ba padiri, ba mama, n’andi yavuye i Roma.

Reka ariko tuvuge ico bita Musenyeri. Musenyeri n’ijambo ry’ikifransa rivuga ngo: MONSEINGEUR. Iryo jambo risangiye ubusobanuro n’ijambo Bayali kuko vyose bisobanura ngo: Databuja. Kuko amazina y’ivyubahiro yabo, n’amabara y’imyenda yabo, vyose vyakomotse mw’idini rya Bayali, idini ry’ i Babuloni, idini rya Satani. S’ukubasebya, niko biri. Kuko Intumwa ntizambaye biriya bintu. Ico nzakigusobanurira ubutaha n’ubishaka.

Mu vyo Yesu yahishuriye Intumwa Yohani, harimo no kumwereka ko amabara y’imyenda y’abategetsi b’itorero rya Babuloni/Roma, ko ar’ay’umugore w’indaya, yavyaye indaya nkawe. Kandi iyo urevye usanga ari yo mabara y’imyenda y’abashumba ba Kiliziya, Abakardinali n’abepiskopi. Dusome: Uwo mugore yari yambaye umwenda w’umuhengeri n’uw’umuhemba. Yari arimbishijwe n’izahabu n’amabuye y’igiciro cyinshi n’imaragarita, mu intoki ze yari afite igikombe cy’izahabu cyuzuye ibizira n’imyanda y’ubusambanyi bwe.  Mu ruhanga rwe afite izina ry’amayoberane ryanditswe ngo BABULONI IKOMEYE, NYINA W’ABAMARAYA, KANDI NYINA W’IBIZIRA BYO MU ISI.   Mbona ko uwo mugore asinze amaraso y’abera n’amaraso y’abahōwe Yesu. Mubonye ndatangara cyane(Ivyahishuwe 17: 4-6).

Umugore urazi ko bivuga itorero. Hano ijambo ry’Imana rimwise nyina w’abamaraya, kubera amatorero nka yose yakomotse kuri gatorika, agenda yica isabato, ashaka vya vyubahiro vyo kewa padiri. Imisi mikuru ya Gatorika n’imihango yose yayo, nivyo na nya matorero akurikiza. Amaraso y’abera nayo arasindisha uwo mugore, kuko itorero ryishe benshi mu mateka yaryo banze kuramya ubupapa, kandi n’ubu umugambi urahari wo gucyaha abatemera kwubahiriza dimanche. Amadini yemera iki kinyoma niyo arimo kwiyunga, ni Oeucumenisme.

Kuba rero uwo mushumba ahagarariye Satani, biri mw’Ijambo ry’Imana ntibigutangaze. Uwiteka abwira uwo mushumba rero ati: « ‘Uku ni ko Umwami Uwiteka avuga ngo: Umutima wawe wishyize hejuru, uravuga uti “Ndi Imana, nicaye ku ntebe y’Imana iri hagati y’inyanja.” Nyamara ariko uri umuntu nturi Imana, nubwo ugereranya umutima wawe n’uw’Imana . Erega urusha Daniyeli ubwenge, nta gihishwe uyoberwa! Ubwenge bwawe no kumenya kwawe byaguhesheje ubutunzi, ukuzuza izahabu n’ifeza mu bubiko bwawe, ubwenge bwawe bwinshi n’ubugenza bwawe bwakugwirije ubutunzi, maze ubutunzi bwawe bwateye umutima wawe kujya hejuru (Ezekiyeli 28: 2-5). Ni umubisha wishyira hejuru y’icyitwa imana cyose cyangwa igisengwa, kugira ngo yicare mu rusengero rw’Imana, yiyerekane ko ari Imana(2Abatesalonika 2: 4)

Mu kurangiza, navugako, abapapa nabo ubwabo biyemerera ko aribo bahinduye amategeko.

Abagaragu Yesu akeneye, n’abumvira amategeko ye, s’abishingira amategeko yabo(Yohani 14: 15)

Ibi mbiguhaye nkurikije Bibiliya. Mfite byinshi navuga, ariko vyakurusha cyane.
Munyihangaire. UWUVUZE KO NYIR’URUGO YAPFUYE, SIWE UBA UMWISHE. Vyavuze ijambo ry’Imana.

ANDIKA IGITEKEREZO CAWE CANKE IKIBAZO HARIYA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans:Non classé |on 27 novembre, 2015 |Pas de commentaires »

BOSE NTIBAFISE UKWIZERA

BOSE NTIBAFISE UKWIZERA (2ABATESALONIKA 3: 2)

Ibisigaye bene Data, mudusabire kugira ngo ijambo ry’Umwami wacu ryamamare vuba rishimishwe nk’uko biri muri mwe, kandi ngo dukire abantu babi b’ibigoryi kuko kwizera kudafitwe na bose(2Abatesalonika 3: 1-2)

Iyo ndevye umubare (igitigiri) dufite w’abantu bagize groupe, nkareba n’abantu bitabira gusoma ibyigisho, mbona ko twese tudafite ukwizera kumwe. Kandi ibyo ntivyonca intege, kuko n’uburenganzira bwa buri wese guhitamo ico yizera. Ariko har’ibindi nabonye bishobora guter’ubwoba uwari we wese yaba akora umurimo w’ivugabutumwa, vyadutse muri iyi groupe: » ndashaka kuvuga ivy’abashaka kuzana ibyigisho bivuye mu matorero adafite ikimenyetso c’Uwiteka. Ntabwo twavyemera kuko ubu ubutumwa dutwara ku bitugu burasobanutse, buvuga buti: “Nta cyo duhuriyeho cyatuma mwubakira Imana yacu inzu, ahubwo ni twe ubwacu tuzubakira Uwiteka Imana ya Isirayeli (Ezira 4: 3).

BOSE NTIBAFISE UKWIZERA temple-institute-altar-1

Uwiteka ntatwemerera kurahura umuriro uvuye ku kindi gicaniro ngo tuwuzane ku gicaniro ciwe, kuko dushobora gupfa nka Nadabu na Abihu. Handitswe ngo « Nadabu na Abihu bene Aroni, benda ibyotero byabo bashyiramo umuriro, bashyiraho imibavu bayosheshereza imbere y’Uwiteka umuriro udakwiriye, uwo atabategetse. Imbere y’Uwiteka hava umuriro urabatwika, bapfira imbere y’Uwiteka » (Abalewi 10: 1-2). Reka mbibutse ko « Niba dukora ibyaha nkana tumaze kumenya ukuri, ntihaba hagisigaye igitambo cy’ibyaha keretse gutegerezanya ubwoba gucirwa ho iteka, no gutegereza umuriro w’inkazi uzarya abanzi b’Imana(Abaheburayo 10: 26-27)

Kandi dusabwe gutandukana nabo, ntitwemerewe kwivanga nabo. Niba ukunda ivyo bigisha, ushobora kugenda yo, n’uburenganzira bwawe bwo guhitamo. Ariko ikizira kikaziririzwa, « Ntibishoboka ko munywera ku gikombe cy’Umwami wacu kandi ngo munywere ku gikombe cy’abadayimoni. Ntimushobora gusangira ibyo ku meza y’Umwami wacu n’ibyo ku meza y’abadayimoni (1Abakorinto 10: 21).

Bose ntibafite ukwizera (2Abatesalonike 3: 2). N’ubwo bavuga ko nabo bizera immana, ngira nkubwire ko Bibiliya yerekana ko hariho ukwizera no kwirarira. Kwirarira, n’ukugira ukwizera gushingiye ku mirimo, kumwe duhabwa n’amatorero turimo, gutuma twumva ko dukiranutse kuko twabashije gutunganya umurimo runaka, maze twaba tutabishoboye tukabura amahoro. Ni musome neza Abanyefeso 2: 8-10).

Mugire Isabato nziza, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

 

ANDIKA IGITEKEREZO CAWE CANKE IKIBAZO HARIYA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans:Non classé |on 27 novembre, 2015 |Pas de commentaires »

UBUTUMWA AB »IKI GIHE BAKENEYE…

MWUMVE IJAMBO RY’UWITEKA RIGENEWE TWEBWE AB »IKI GIHE:

Amazing Facts Evangelist Tim Jones.  If you want to get a daily inspiring Biblical devotional by email, contact Tim at timjonesministry @ aol.com  Tim and his lovely wife Carol make up the dynamic duo of "Team Jones": Evangelist Tim, Aol Com Tim, Biblical Devotional, Contact Tim, Seventh Day Adventists, Amazing Facts, Facts Evangelist, Dynamic Duo


.“Kandi nawe mwana w’umuntu, ab’ubwoko bwawe bavugira ibyawe ku nkike no mu miryango y’amazu, umwe avugana n’undi, umuntu wese na mugenzi we bati ‘Nimuze tujye kumva ijambo rivuzwe n’Uwiteka iryo ari ryo. Maze bakagusanga nk’uko rubanda ruza, bakicara imbere yawe nk’ubwoko bwanjye kandi bakumva amagambo yawe, ariko ntabwo bayakurikiza kuko berekanisha ururimi rwabo urukundo rwinshi, nyamara umutima wabo ukurikira inyungu yabo bombi. Kandi dore ubamereye nk’indirimbo nziza cyane y’ufite ijwi ryiza akamenya no gucuranga neza, kuko bumva amagambo yawe kandi ntibayakurikize. Ariko igihe ibyo bizaboneka (ndetse biraje), ni bwo bazamenya ko bahozwemo n’umuhanuzi.” (Ezekiyeli 33: 30-33)
Abahanuzi b’ibinyoma babaye ishyano ryose. Baravuga ibi bagasubira biriya. satani nawe araherekeza imirimo yabo akabereka ko ivyo Bibliya yigisha bidafite akamaro, noneho akabashuka akoresheje ibitangaza yahawe gukora. Muritonda: « Kuza k’uwo mugome kuri mu buryo bwo gukora kwa Satani, gufite imbaraga zose n’ibimenyetso n’ibitangaza by’ibinyoma, n’ubuhenzi bwose bwo gukiranirwa ku barimbuka, kuko batemeye gukunda ukuri ngo bakizwe. Ni cyo gituma Imana izaboherereza ubushukanyi bukomeye cyane ngo bizere ibinyoma, kugira ngo abatizeye iby’ukuri bose bakishimira gukiranirwa, bacirwe ho iteka.(2Abatesalonika 2: 9-12).
N’ubwo tubivuga abantu bakiziba amatwi, ibyo bitangaza bibera mu matorero yanze amategeko y’Imana biva kuri Satani. Kuko ubuntu babashukisha ngo bwavuzwe na Paulo, sibwo Paulo yavuze nkuko bavyigisha. Paulo yigisha ubuntu buhabwa umunyabyaha, kandi akigishako umunyavyaha yitwa umunyavyaha kuko yishe itegeko ry’Imana. Agira ati: « kuko ibihembo by’ibyaha ari urupfu, ariko impano y’Imana ni ubugingo buhoraho muri Yesu Kristo Umwami wacu » (Abaroma 6: 23).kuko aho amategeko atari icyaha kiba gipfuye (Abaroma 7: 9).
Muri make, abo bahanuzi b’ibinyoma nibo bagiye gutuma isi izarimbuka vuba, kuko handi hato nibo bazakora umurimo mubi wo gushuka abategetsi b’isi ngo baje ku rugamba rwo kurwanya abitondera amategeko y’Imana. Urwo rugamba ntibazarutsinda bazarugwamo, niyo Harumagedoni. Dusoma ngo:kuko ari yo myuka y’abadayimoni, ikora ibitangaza igasanga abami bo mu isi yose, ngo ibahururize kujya mu ntambara yo ku munsi ukomeye w’Imana Ishoborabyose. Ibateraniriza ahantu mu Ruheburayo hitwa Harimagedoni.9Ibyahishuwe 16: 13,16) Bazarwanya Umwana w’Intama, ariko Umwana w’Intama azabanesha, kuko ari we Mutware utwara abatware n’Umwami w’abami, kandi abari hamwe na we bahamagawe batoranijwe bakiranutse na bo bazayinesha.” (Ivyahishuwe 17: 14)
Uwushaka kwumva yumve, uwutabigomba areke (Ezekiyeli 3: 27), ariko, « Kurimbuka kuraje kandi bazashaka amahoro, ariko ntibazayabona. Ishyano rizasimburwa n’irindi shyano, n’inkuru mbi ikurikirwe n’iyindi mbi, kandi bazashakira iyerekwa ku muhanuzi, ariko umutambyi azabura itegeko n’abakuru babure inama » (Ezekiyeli 7: 25-26). Kandi  » igihe ibyo bizaboneka (ndetse biraje), ni bwo bazamenya ko bahozwemo n’umuhanuzi.” (Ezekiyeli 33: 33)
Maze kandi mbaha n’amasabato yanjye ngo abe ikimenyetso hagati yanjye na bo, kugira ngo bamenye yuko ari jye Uwiteka ubeza (Ezekiyeli 20: 12).
Antikristo ariko arakora ni mukanguke! Antikristu s’uwundi, n’aba bapasitori, n’abo bigize abaapotres, abo bavuga butumwa, baja mu murimo w’Imana nk’abacanshuro. Ntibafite ivyangombwa vy’abakozi b’Imana. Kuko handitswe ngo: Maze kandi mbaha n’amasabato yanjye ngo abe ikimenyetso hagati yanjye na bo, kugira ngo bamenye yuko ari jye Uwiteka ubeza. kandi mujye mweza amasabato yanjye abe ikimenyetso hagati yanjye namwe, kugira ngo mumenye yuko ndi Uwiteka Imana yanyu (Ezekiyeli 20: 12,20). ICO KIMENYETSO NTIBAGIFITE!!!
Iriya dimanche bavugiramo biriya bintu vyabo, nico kimenyetso ca Antikristo, ikimenyetso c’inyamaswa, ikimenyetso c’abatavugarumwe na Kristo. biriya vyo kuvuga ngo dimanche bayogeza kuko ariho Nyagasani Yesu yazutse, ico n’igitekerezo bahawe na Satani.
Kuko yesu ubwe avuga ati: “Mwitekereza ko naje gukuraho amategeko cyangwa ibyahanuwe. Sinaje kubikuraho, ahubwo naje kubisohoza. Kandi ndababwira ukuri yuko ijuru n’isi kugeza aho bizashirira, amategeko atazavaho inyuguti imwe cyangwa agace kayo gato, kugeza aho byose bizarangirira. Nuko uzica rimwe ryo muri ayo mategeko naho ryaba ryoroshye hanyuma y’ayandi, akigisha abandi kugira batyo, mu bwami bwo mu ijuru azitwa mutoya rwose. Ariko uzayakora akayigisha abandi, mu bwami bwo mu ijuru azitwa mukuru ».(Matayo 5: 17-19).
Bwirwa mwumve mureke kubeshwa, iyo umuntu yamaze gutekereza ko Yesu yahinduye itegeko na rimwe aba yaguye mu minwe ya Satani. Ayo matorero rero ngo atekereza ko Yesu yahinduye isabato ayishira kuri dimanche. Icubahiro c’Isabato ngo kubakristo, gisigaye kiri kuri dimanche. Subiramwo musome iyi mirongo yo muri Matayo, musanga aya matorero atar’aya Yesu.
Iman’iduhe gutahura, kandi itubabarire cane!

ANDIKA IGITEKEREZO CAWE CANKE IKIBAZO HARIYA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans:Non classé |on 27 novembre, 2015 |Pas de commentaires »

NGO UMUSI NTACO UVUZE MU MATEGEKO Y’IMANA?

ABANTU BIGISHA NGO UMUSI NTACO UMAZE MU MYIZERERE YABO UBWO BASENGA IMANA YO MURI BIBILIYA?

Jewe ubwanje birantera ubwoba iyo numva umuntu yiyemeza ko akora ivyo gukiranuka, ariko agashaka gukosora Imana n’Umwana wayo, agashaka kugwanya ibihamya Mwuka Wera yatanze. Kuko Yesu Umwana w’Imana avuga ati: Kandi ndababwira ukuri yuko ijuru n’isi kugeza aho bizashirira, amategeko atazavaho inyuguti imwe cyangwa agace kayo gato, kugeza aho byose bizarangirira (Matayo 5: 18).

NGO UMUSI NTACO UVUZE MU MATEGEKO Y'IMANA?

None ko ijambo « umusi » rigaraga inshuro esheshatu (zitandatu) mw’itegeko rya 4, mwumva uworikuramwo yaba akuyeho inyuguti zingahe? Jewe ubwanje mu ntege nke zanje, nahitamo guceceka mu gihe mbonye ibintu binaniye, hakujya impaka n’umutware w’abatware? Ubukiranutsi amatorero yacu yaduhaye, aho tuzabujyana simpazi, ariko nziko ubukiranutsi twahawe no kwizera Yesu n’ijamborye aribwo buzadukingurira amarembo yo mw’ijuru. « Ntimuyobe: Imana ntinegurizwa izuru, kuko ibyo umuntu abiba ari byo azasarura » (Abagalatiya 6: 7)

Nayo ubundi ikintu iyo kikunaniye imbere y’Imana,ugaca bugufi ukemera ko wananiwe, . »Imana na yo ubwayo ntihutiraho gukuraho ubugingo, ahubwo ishaka uburyo kugira ngo uwirukanywe ataba uciwe na yo » (2Samweli 14: 14)

Ushobora kubona amajambo yo kugisha impaka ubu butumwa nkuko abakwigishije bayagutekereye, ariko ndumva ica gukiza ar’uko wavuga nka Daniyeli uti: « Umwami Imana yacu ni yo ifite imbabazi n’ibambe, nubwo twayigomeye ntitwumvire Uwiteka Imana yacu ngo tugendere mu mategeko yayo yadushyize imbere, avuzwe n’abagaragu bayo b’abahanuzi » (Daniyeli 9: 9-10)

Mwuka Wera aragukebura ngo uve muri izo mpaka z’amafuti, akagira ati: “Huguka cyane …, untegere amatwi, Uceceke nanjye mvuge. Niba ufite icyo kuvuga unsubize, Vuga kuko nifuza kugutsindishiriza. Niba ari nta cyo untegere amatwi, Ceceka nanjye nkwigishe ubwenge.” (Yobu 33: 31-33).

Tuza wumve ico Imana ivuga, hako utsimbarara kuvyo wabwiwe n’umuntu w’inyama n’amaraso. « Uku ni ko Uwiteka avuga ati “Havumwe umuntu wiringira undi muntu akishima amaboko ye, mu mutima we akimūra Uwiteka » (Yeremiya 17: 5).

ABARUNDI BAVUGA NGO: UWUZA KWUMVA ARUMVIRIZA!

Mudukurikire kuri http://paroissetwihane.unblog.fr

ANDIKA IGITEKEREZO CAWE CANKE IKIBAZO HARIYA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans:Non classé |on 22 novembre, 2015 |Pas de commentaires »

NI MUKURE IVYO BIGIRWAMANA VY’AMADINI…

NI MUKURE IVYO BIGIRWAMANA VY’AMADINI TURAGOMBA KUBEREKA IMANA Y’UKURI YAREMYE IJURU N’ISI N’IBIRIMWO VYOSE
(Harimwo ikirundi n’ikinyarwanda bivangatiranye)

Dusoma mu gitabo cera c’Imana ngo:
Abafilisitiya bari banyaze isanduku y’Imana, bayikura kuri Ebenezeri bayijyana kuri Ashidodi. Isanduku y’Imana igezeyo, Abafilisitiya barayifata bayijyana mu nzu ya Dagoni, bayishyira iruhande rwa Dagoni. Maze Abanyashidodi babyutse kare basanga Dagoni yaguye yubamye imbere y’isanduku y’Uwiteka, barayegura bayisubiza aho yari iri. Bukeye bwaho babyuka kare basanga Dagoni yaguye yubamye imbere y’isanduku y’Uwiteka, kandi igihanga n’ibiganza bya Dagoni byaguye ukubiri n’umubyimba ku gitabo, hasigara umubyimba wayo gusa(1Samweli 5: 1-4)

Abafilistiya bar’abantu bishimira ko ar’ibigatanya vy’abagwanyi, nibo bavukamwo uwitwa Goliyati. Bizera cyane imana yabo yitwa Dagoni. Iryo zina ngo Abafilistiya niryo ryavyaye iri rizwi uyu musi ngo « Abanyepalestina » (Philistins),

NI MUKURE IVYO BIGIRWAMANA VY'AMADINI... theres-a-convincing-theory-that-goliath-not-david-was-actually-the-underdog

Bariko baragwana n’Abanyisiraeli, babanyaga isandugu y’Imana Nyen’Ijuru, bayinjiza mu rusengero rwa Dagoni. Iyo sanduku yarimwo amategeko cumi y’Imana (Gutegekwa kwa kabiri/Gusubira mu Vyagezwe 10: 1-5). N’ukuvuga ko Imana yagendera muri iyo sandugu y »Isezerano, igatuma Abanyisiraeli batsinda abansi babo uku kwose bagiye ku rugamba. Uwo musi Abafilistiya barayibanyaze, kubera ivyaha vyakozwe n’abahungu ba Heli, umuhereji/Umutamvyi(1Samweli 3: 11-14). Ariko Abafilistiya, hakugirango babonereho akanya ko gusenga Imana itashe mu gihugu cabo, bahisemwo kuyisegekereza iruhande rw’ikigirwamana cabo. Uhoraho Imana y’Abanyisiraeli ntiyavyihanganiye, yafashe ico kigigwamana agikubita hasi nijoro. Bukeye baraza barakivyura. Noneho bukeye basanga Uhoraho yaraye agikataguyemwo ibipande!!!

Har’abantu benshi bagize amahirwe yo kubona ko hariho Imana y’ukuri yumvira abasavyi bayo, nkuko Abafilistiya bari barabonye kenshi ko Imana y’Abanyisiraeli ibafasha gutsinda urugamba igihe cose. Ariko abo bantu bakomeze gutsimbarara ku mana za basekuru na basekuruza nabo bazihawe n’amadini. Imana y’idini ntibana n’Imana Rugiravyose. Ikizonesha ikindi kizokigenderako. Handitswe ngo: Ntukagire izindi mana umbangikanya (Kuvayo 20: 3)

Mw’isandugu y’Imana harimo urwabya rw’izahabu rurimo manu, irimo na ya nkoni ya Aroni yapfunditse uburabyo(yashuritse) na bya bisate by’amabuye byanditsweho isezerano (Abaheburayo 9: 4). Wowe ntushobora gufata Imana Nkuru, ariyo Mana ya Yesu Kristo, Imana ya Abrahamu na Isaka, ngo uje kuyomeka ku mana za gipagani zavuye i Babuloni zitagira amategeko akwiye. Izo mana nizo abaporo biruka inyuma, abapagani nabo bakagira izabo, hanyuma bagahindukira ngo TWESE DUSENG’IMAN’IUMWE, IGIHAMBAYE N’URUKUNDO!

Muravyemera cyangwa murabihakana, vyose biva kuri mwebwe, ariko ndavuga ntashidikanya ko iyo mana itegeka ko baruhuke ku musi wa dimanche, s’Imana Rurema, ntizi kurema, ntan’ivyo yigeze! Imana Umuremyi yarivuze iti: Mu minsi itandatu ujya ukora, abe ari yo ukoreramo imirimo yawe yose, ariko uwa karindwi ni wo sabato y’Uwiteka Imana yawe. Ntukagire umurimo wose uwukoraho, wowe ubwawe, cyangwa umuhungu wawe cyangwa umukobwa wawe, cyangwa umugaragu wawe cyangwa umuja wawe, cyangwa itungo ryawe cyangwa umunyamahanga wawe uri iwanyu, kuko iminsi itandatu ari yo Uwiteka yaremeyemo ijuru n’isi n’inyanja n’ibirimo byose, akaruhukira ku wa karindwi. Ni cyo cyatumye Uwiteka aha umugisha umunsi w’isabato, akaweza (Kuva 20: 9-11). Iyi niyo Mana ya Mose, niyo Mana ya Dawidi, niyo Mana ya Yesu, niyo Mana yanje.

UBUTUMWA BWIZA DUTWAYE BURAVUGA BUSEMERERA BUTI: Muzababwire mutya muti “Izo bita imana zitaremye ijuru n’isi, zizacibwa ku isi no munsi y’ijuru. .“Imana ni yo yaremye isi n’imbaraga zayo, isi n’abayirimo yayikomeresheje ubwenge bwayo, ijuru yaribambishije ubuhanga bwayo (Yeremiya 10: 11-12).

Wavyemera wareka, imana zose zitaremye ijuru n’isi zizoherengetezwa musi y’ijuru. Imana yacu niyo ikwiye icubahiro, ibihe vyose.

Dagoni ntizizohangana n’Imana y’Israeli, “Nimwubahe Imana muyihimbaze, kuko igihe cyo gucira abantu urubanza gisohoye, muramye Iyaremye ijuru n’isi n’inyanja n’amasōko.”(Ivyahishuwe 14:7), Mw’izina ryera rya Yesu, Umucunguzi wacu. Amen.

ANDIKA IGITEKEREZO CAWE CANKE IKIBAZO HARIYA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans:Non classé |on 22 novembre, 2015 |Pas de commentaires »

PRIESTS AND PASTORS PLUS THEIR FOLLOWERS ARE…

PRIESTS AND PASTORS PLUS THEIR FOLLOWERS ARE USING THE BIBLE ACTIVELY, AND THE MUSLIMS USE IT SOME TIMES TOO. SO HOW CAN WE KNOW THE TRUTH AMONG THE DIFFERENT BIBLE INTERPRETATIONS?

PRIESTS AND PASTORS PLUS THEIR FOLLOWERS ARE... 330px-SeminarioAsidoniaJerez2

 

The Bible declares:To the law and to the testimony! if they speak not according to this word, surely there is no morning for them (Isaiah 8: 20). Every preacher who avoids the law in his teaching is a false preacher, a false prophet. Indeed, why Jesus is died on the Calvary? It is because we transgressed the God’s law, the 10 commandements. It is writen: And he declared unto you his covenant, which he commanded you to perform, even the ten commandments; and he wrote them upon two tables of stone (Deuteronomy 4: 13). These ten commandments include the sabbath. Many priests and pastors teach that we have to keep the Sunday because of the resurrection of Jesus on that day. Jesus does not agree with these religious leaders. He said: Think not that I came to destroy the law or the prophets: I came not to destroy, but to fulfil. For verily I say unto you, Till heaven and earth pass away, one jot or one tittle shall in no wise pass away from the law, till all things be accomplished. Whosoever therefore shall break one of these least commandments, and shall teach men so, shall be called least in the kingdom of heaven: but whosoever shall do and teach them, he shall be called great in the kingdom of heaven (Matthew 5: 17-19). So, if you think that Jesus changed the law, and you keep the Sunday instead the Sabbath written in the law, you are lost.

Let me tell you that this Jesus Christ preached today by the catholics and protestants is not the Crucified one. Because of the crucified Saviour could not change his Father’s Law. The Holy spirit declared by the king David: My covenant will I not break, Nor alter the thing that is gone out of my lips(Psalm 89: 34).

Do you want to know if your pastor is preaching the true Jesus? Ask him if he believes in 10 commandments. If he tries to convice you that the Sabbath is for the Jews, tell him that it were established from eternity before the Jews and included in God’s covenant at Sinai. Our Saviour, the true Jesus, is very different with the Jesus from the today’s churches. Because of, the true Jesus said: I have kept my Father’s commandments, and abide in his love(John 15: 10)

But though we, or an angel from heaven, should preach unto you any gospel other than that which we preached unto you, let him be anathema. As we have said before, so say I now again, if any man preaches unto you any gospel other than that which ye received, let him be anathema (Galates 1: 8-9)

What is this gospel preached by the apostle Paul? It is: JESUS IS DIED FOR US BECAUSE OF OUR SIN.  » .Every one that doeth sin doeth also lawlessness; and sin is lawlessness. (1John 3: 4). He that saith, I know him, and keepeth not his commandments, is a liar, and the truth is not in him; but whoso keepeth his word, in him verily hath the love of God been perfected. Hereby we know that we are in him (1John 2: 4) For whosoever shall keep the whole law, and yet stumble in one point, he is become guilty of all (James 2: 10)

We are in the time of the investigative judgment. The Divine Judge is looking on each file of each man and woman, old man and old woman, young man and girl. « For the time is come for judgment to begin at the house of God: and if it begin first at us, what shall be the end of them that obey not the gospel of God? » (1Peter 4: 17)

Don’t forget: For judgment shall return unto righteousness; And all the upright in heart shall follow it(Psalm 94: 15). This righteousness of God is his law. Yes God is love. But if we are his sons and daughters, we should agree with this verse: For this is the love of God, that we keep his commandments (1John 5: 3).

Finally, I tell you: BEWARE TO THE GOSPEL FROM THE SMUGGLERS! God bless you all.

 

ANDIKA IGITEKEREZO CAWE NGAHAHEPFO HABIGENEWE

Publié dans:Non classé |on 22 novembre, 2015 |Pas de commentaires »

ABAKOBWA BACU NTIBAKWIYE GUSOHOKANA N’ABO BADAHUJE UKWIZERA

INKURU ITEYE AGAHINDA YA DINA UMUKOBWA WA ISRAELI

Shekemu akinda Dina, umukobwa wa Yakobo
1.Dina umukobwa wa Leya, uwo yabyaranye na Yakobo, arasohoka ajya kugenderera abakobwa bo muri icyo gihugu.
2.Shekemu mwene Hamori Umuhivi, umutware mukuru w’icyo gihugu aramubona, aramwenda aryamana na we, aramukinda.
3.Amarira umutima kuri Dina, umukobwa wa Yakobo, aramukunda, amubwira neza.
4.Shekemu abwira se Hamori ati “Nsabira uyu mukobwa.”
5.Yakobo yumva yuko Shekemu yononnye Dina umukobwa we, abahungu be bari mu matungo mu rwuri, Yakobo araceceka, ageza aho baziye.
6.Hamori se wa Shekemu aragenda ngo ajye kujya inama na Yakobo.
7.Bene Yakobo babyumvise bava mu rwuri barataha. Barababara kandi bararakara cyane, kuko yakoreye ikizira mu Bisirayeli, ari cyo kuryamana n’umukobwa wa Yakobo bidakwiriye gukorwa.
8.Hamori ajya inama na bo ati “Umutima w’umuhungu wanjye Shekemu wigombye umukobwa wanyu, ndabinginze, mumushyingire.
9.Kandi mushyingirane natwe, mudushyingire abakobwa banyu, namwe murongore abakobwa bacu.
10.Kandi muzaturana natwe, igihugu kizaba imbere yanyu ngo mujye aho mushaka, mugituremo, mugitundemo, mukironkemo ibintu.”
11.Shekemu abwira se wa Dina na basaza be ati “Mbagirireho umugisha, icyo muzanca cyose nzakibaha.
12.Inkwano n’impano muzanyaka uko bizangana kose, nzabibaha uko mubinyatse, ariko munshyingire uwo mukobwa.”
Basaza ba Dina bicisha Shekemu n’abe uburiganya
13.Bene Yakobo basubizanya uburiganya Shekemu na Hamori se, kuko yononnye Dina mushiki wabo.
14.Baramubwira bati “Ntitwabasha gushyingira mushiki wacu umuntu utakebwe, kuko ibyo byadutera isoni.
15.Icyatuma twemera ibyo ni kimwe gusa, ko muba nka twe, ngo umugabo wese wo muri mwe akebwe.
16.Ni ho tuzabashyingira abakobwa bacu, tukarongora abakobwa banyu, tugaturana, tukaba ubwoko bumwe.
17.Ariko nimutatwumvira ngo mukebwe, tuzajyana umukobwa wacu twigendere.”
18.Amagambo yabo anezeza Hamori na Shekemu mwene Hamori.
19.Uwo muhungu ntiyatindiganya kubikora kuko yanezererwaga umukobwa wa Yakobo, kandi Shekemu yari afite icyubahiro kiruta icy’ab’inzu ya se bose.
20.Hamori na Shekemu umuhungu we bajya mu marembo y’umudugudu wabo, bajya inama n’abagabo bo mu mudugudu bati
21.“Abo bantu ntibashaka kurwana natwe, nuko bature mu gihugu bagitundemo kuko igihugu ari kigari bakagikwirwamo, turongore abakobwa babo, tubashyingire abacu.
22.Ariko icyatuma batwumvira bakemera guturana natwe tukaba ubwoko bumwe ni iki gusa: ni uko umugabo wese wo muri twe akebwa nk’uko bo bakebwa.
23.Mbese inka zabo n’ibintu byabo n’amatungo yabo yose ntibizaba ibyacu? Tubemerere gusa, na bo bazaturana natwe.”
24.Hamori na Shekemu umuhungu we, bumvirwa n’abavaga mu irembo ry’umudugudu wabo bose, umugabo wese arakebwa, uwavaga mu irembo ry’umudugudu wabo wese.
25.Maze ku munsi wa gatatu, barushijeho kubabara, bene Yakobo babiri, Simiyoni na Lewi, basaza ba Dina, benda inkota zabo, batera umudugudu gitunguro, bica abagabo bo muri wo bose.
26.Bicisha Hamori na Shekemu umuhungu we inkota, bakura Dina mu nzu ya Shekemu, baragenda.
27.Bene Yakobo bacuza intumbi, basahura mu mudugudu, babahora konona mushiki wabo.
28.Banyaga imikumbi yabo n’amashyo yabo n’indogobe zabo, n’ibintu byari mu mudugudu n’ibyo mu gasozi,
29.banyaga ubutunzi bwabo bwose, bafata mpiri abana babo bose n’abagore babo, n’ibyari mu mazu yabo byose.
30.ABAKOBWA BACU NTIBAKWIYE GUSOHOKANA N'ABO BADAHUJE UKWIZERA fbtwytlnMaze Yakobo abwira Simiyoni na Lewi ati “Mumpagaritse umutima, kuko mutumye nangwa urunuka na bene igihugu, Abanyakanani n’Abaferizi, kandi umubare wacu ari muke, bazaterana bose bantere, nanjye nzarimbukana n’inzu yanjye.”
31.Baramubaza bati “Bikwiriye ko agirira mushiki wacu atyo, nk’aho yari maraya?”
Publié dans:Non classé |on 17 novembre, 2015 |Pas de commentaires »

UMUGANI W’ABAGORE BARINDWI

UMUGANI W’ABAGORE BARINDWI


Uwo munsi abagore barindwi bazajya ku mugabo umwe bamubwire bati “Tuzitungirwa n’ibyokurya byacu kandi tuzajya twiyambika ubwacu, ariko uduhe kwitirirwa izina ryawe udukize urubwa rw’abantu.”(Yesaya 4: 1)

Ikibazo c’umusi cyagiye gitera impaka nyinshi  hagati y’abantu bitwa abarokore  bo mu matorero aruhuka dimanche, n’abandi baruhuka samedi, na cane cane abadivantisti b’umusi wa karindwi. Imirongo abarokore  benshi bagiye bitwaza iri mu Baheburayo 4: 8-10, ahagira hati: Iyo Yosuwa abaruhura, Imana ntiyajyaga kuvuga hanyuma iby’undi munsi. Nuko rero, ku bw’ibyo haracyariho uburuhukiro bw’isabato bubikiwe abantu b’Imana, kuko uwinjiye mu buruhukiro bwayo na we aba aruhutse imirimo ye nk’uko Imana yaruhutse iyayo(Abaheburayo 4: 8-10).Yamara iyo usomye witonda, umusi Yosuwa yinjiza abantu mu guhugu c’I Kanani, ntihari kw’isabato, ndestse mbere n’undi musi uvugwa watoranijwe si dimanche. Ah’ubwo n’igihe cashinzwe na Data,  nkuko Yesu yabivuze, abibwira abigishwabe ati: “Si ibyanyu kumenya iby’iminsi cyangwa ibihe Data yagennye, ni ubutware bwe wenyine (Ivyakozwe n’Intumwa 1: 7) . Hariho urutonde rw’imisi tudakwiye kujahw’impaka, twe twahawe urutonde rw’imisi 7 igize icumweru. Iyo misi itangira ku wa mbere w’imisi indwi ikarangira kw’isabato ariwo musi wa 7. Iyindi misi n’ibihe, uko bipanzwe, ivyo bizi Data wo mw’ijuru s’ivyacu.

 Ico gihe rero nicashika, niho abagore indwi bazaza ku mugabo umwe bamubwire bati “Tuzitungirwa n’ibyokurya byacu kandi tuzajya twiyambika ubwacu, ariko uduhe kwitirirwa izina ryawe udukize urubwa rw’abantu. Ariko se abo bagore bo ni bande, n’abahehe?

 Bibliya itwigisha ko umugore asobanurwa ngo: itorero (ishengero). Handitswe ngo:kuko umugabo ari we mutwe w’umugore we, nk’uko Kristo ari umutwe w’Itorero ari ryo mubiri we, ni na we Mukiza waryo . Ariko nk’uko Itorero rigandukira Kristo, abe ari ko abagore bagandukira abagabo babo muri byose .Bagabo, mukunde abagore banyu nk’uko Kristo yakunze Itorero akaryitangira  ngo aryeze, amaze kuryogesha amazi n’ijambo rye. aryishyire rifite ubwiza, ridafite ikizinga cyangwa umunkanyari cyangwa ikintu cyose gisa gityo, ahubwo ngo ribe iryera ridafite inenge. Uko ni ko abagabo bakwiriye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo. Ukunda umugore we aba yikunda, Ibyo ni ubwiru bukomeye cyane, ariko ibyo mvuga byerekeye kuri Kristo n’Itorero (Abefeso 5: 23-28. 32)

Ahandi ngo:  kuko mbafuhira ifuhe ryo mu buryo bw’Imana, kuko nabakwereye umugabo umwe ari we Kristo, ngo mubashyingire mumeze nk’umwari utunganye (2Abakorinto 11: 2).

Ariko hariho n’undi mugore Bibliya yerekana ko ar’indaya, atubaha umugabo we. Handitswe ngo: Ariko wiringiye ubwiza bwawe maze usambana ubitewe no kogezwa kwawe, ubusambanyi bwawe ubuha abahisi bose uba uwabo. Nuko wenda mu myambaro yawe kandi wiremera insengero zo mu mpinga z’imisozi, uzirimbishisha Kandi wajyanye impeta zawe nziza z’izahabu yanjye n’ifeza yanjye, ibyo naguhaye, ubyiremeramo ibishushanyo by’abagabo ngo usambane na bo, (Ezekiyeli 16: 15-17)

Uwo mugore yari yambaye umwenda w’umuhengeri n’uw’umuhemba. Yari arimbishijwe n’izahabu n’amabuye y’igiciro cyinshi n’imaragarita, mu intoki ze yari afite igikombe cy’izahabu cyuzuye ibizira n’imyanda y’ubusambanyi.  Mu ruhanga rwe afite izina ry’amayoberane ryanditswe ngo BABULONI IKOMEYE, NYINA W’ABAMARAYA, KANDI NYINA W’IBIZIRA BYO MU ISI. Mbona ko uwo mugore asinze amaraso y’abera n’amaraso y’abahōwe Yesu. Mubonye ndatangara cyane  (Ivyahishuwe 17: 4-6).

Ni mubirebe neza: Uwu mugore ngo ni nyina w’abamalaya. Bariya bagore barindwi turiko turiga, iyo urevye neza usanga nabo ar’abamaraya, kuko ntibemera kubumbwa n’ivyo umugabo abahaye. Bavuga ngo Twebweho tuzatungwa n’ivyokurya vyacu, twambare imyambaro yacu. Ntibashaka kurya kuvyo umugabo wabo abageneye, bashaka kwirira ivyabo.  Bisobanurwa ngo: Ibiryo Yesu agaburira itorero ariryo jambo ry’Imana ntibabikeneye, kuko bifitiye ivyabo. Bafise inyigisho zabo zihwanye n’uko babona ibintu.  Barashima kwumvira padiri na pasitori, ba apotres babo n’abalimu babo kuruta uko bumvira Ivyanditswe Vyera. Yes’aravuga ati: ungure ho n’imyenda yera kugirango wambare isoni z’ubwambure bwawe ntizigaragare (Ivyahishuwe 3: 17). Ariko bo bashima kwambara imyambaro baguze i Babuloni, ariko kwa guhimbaza za dimanches, za Noheli, za Pasika, za Pentekoti, gupfukamika abantu ngo bariko barabihanisha ivyaha, bakagerekako rero n’ibikorwa vyinshi biruhisha vyo kwubaka insengero, ingendo ndende, kwama mu materaniro yo gusenga no kwisonzesha, muri za repetitions za chorales, n’ibindi…

Tuvuga ko iyo myambaro n’ivyo biryo vyaguzwe mw’isoko ry’i Babuloni ariryo ry’i Roma, kuko imihango yose ikorwa mur’ayo matorero usanga ikomoka kuvyo bakuye mw’Itorero Gatorika rya Roma. Intumwa Petero yari i Roma, hanyuma  Mwuka Wera amutegeka kwandika  ngo: Itorero ry’abatoranijwe riri i Babuloni rirabatashya (1Petero 5: 13). Aha niho Mwuka w’Imana yatanguye guhishura ko Roma ariyo Babloni. Ntibize bigutangaze ni wumva abitwa ba pasteurs, abasenyeri, ba révérends, ba chanoines, ba Cidikoni (Archideacons) n’abandi, ayo n’amazina y’ivyubahiro bakuye I Roma. Kandi nta kundi bari kugira, kuko buhanuzi bwaravuze ko ayo matorero y’indaya azabaho, akamera nka nyina wayo. Turasoma mu Gitabo c’Imana ngo: “Dore uca imigani wese azagucira uyu mugani ati: Nyina n’umukobwa ni ubutarutana. Uri uwa nyoko wanga umugabo we…” (Ezekiyeli 16: 44-45)

Muri iki cigisho, ndashaka kukwinginga ngo urebe kure, ureke kugarukiriza ivyiringiro vyawe kuvyo idini ryavuze, ariko wumve ko hariho Umwami yakubambiwe avuga neza gusumba pasitori na padiri.   Ni cyo gituma tuba intumwa mu cyimbo cya Kristo, ndetse bisa n’aho Imana ibingingira muri twe. Nuko rero, turabahendahenda mu cyimbo cya Kristo kugira ngo mwiyunge n’Imana(2Abakorinto 5: 20). S’ukwiyunga n’idini cangwa itorero, ariko mwiyunge n’Imana. Aka n’akanya keza ko kwibaza no kwihana. Erega naho baguhatira mu masengesho y’urudaca, bakaguhatira ku mategeko bishingiye, uribukako Uwakubambiwe I Gologota avuga ati: “Uwiziba amatwi ngo atumva amategeko,Gusenga kwe na ko ni ikizira” (Imigani 28: 9) Ahandi ngo:Na we arababaza ati “Namwe ni iki gituma mucumurira itegeko ry’Imana imigenzo yanyu? … Bansengera ubusa, Kuko inyigisho bigisha ari amategeko y’abantu.’ ” (Matayo 15: 3, 9).  Yesu ati:“Umuntu wese umbwira ati ‘Mwami, Mwami’, si we uzinjira mu bwami bwo mu ijuru, keretse ukora ibyo Data wo mu ijuru ashaka. Benshi bazambaza kuri uwo munsi bati ‘Mwami, Mwami, ntitwahanuraga mu izina ryawe, ntitwirukanaga abadayimoni mu izina ryawe, ntitwakoraga ibitangaza byinshi mu izina ryawe?’ Ni bwo nzaberurira nti ‘Sinigeze kubamenya, nimumve imbere mwa nkozi z’ibibi mwe.(Matayo 7: 20-23)’

 Aba bantu Yesu avuze hano haruguru, s’abaislamu, s’abapfumu, cyangwa bamwe bo mu madini ya gipagani. Reba neza, avuga amatorero yiyita ngo n’aya gikristu.

Bariya bagore barindwi rero basobanura vya bihe birindwi itorero ry”Imana ryanyuzemwo, kugeza uyu musi. Abo bagore bo bavuze ngo: “Tuzitungirwa n’ibyokurya byacu kandi tuzajya twiyambika ubwacu, ariko uduhe kwitirirwa izina ryawe udukize urubwa rw’abantu.”Eh! wabibonye? Ngo: ariko uduhe kwitirirwa izina ryawe udukize urubwa rw’abantu!!! Mu Kirundi handitswe ngo “nawe uduteturure”. Urumva ko umugambi wabo nkuko bawuhawe na Satani ukorera muri Babuloni, n’uwo kwitirirwa izina rya Kristu, bakitwa abakristu, kugirango n’uwubabona wese avuge ko nabo bafite idini rya Kristu, ariko mu vy’ukuri ataco bapfana nawe. None umugore ashaka kwihahira no kwiyambika atar’umupfakazi, kand’afite umugabo w’umukire, ubwo ntabw’ar’inkungusi? Abarundi mumbwire” Ubwo uwo mugore s’isema?

None, kuki wakomeza kuvuga amasengesho atemerwa imbere y’Imana ngo n’ukubera ko wanga guhemukira nyoko yakuvyaye ari ryo torero ryawe?  Ni wumvire ivyo Yesu agutegeka, ibizagutsinda azabikubabarira, nakare twakijijwe n’ubuntu bwe kubwo kwizera (Abefeso 2: 8). Burya, har’ ico utazi: n’uko ayo matorero yubahiriza amategeko n’ubwo avuga ko atayobowe nayo. Gusa, Satani yarabatsikamiye kugirango itegeko rya 4 riviga isabato ntibaryemere, ariko ngo bakomeze dimanche ikomokakwa Bayali.

Ndakwipfurije gutahura ibi kandi ndagusengera,  mw’izina ryera rya Yesu. Amen

 

 

 

 

 

Publié dans:Non classé |on 17 novembre, 2015 |Pas de commentaires »
12

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire