Archive pour juin, 2015

AMATEGEKO YACU NTASA N’AY’ABANDI

Hari abantu bakunze kuvuga yuko tudakwiye kwereka abandi ko turi abakristu, ngo ah’ubwo dukwiye kwishushanya n’ibihe tugezemwo, tukarya nk’abandi, tukanywa nkabo, tukambara nkabo, tugasangira imisi mikuru y’umunezero n’imisi y’umubabaro. Ivyo rero tukabigira kugirango ntitubabaze abo turi kumwe. Nico benshi bita guca bugufi. Ariko  rero ijambo ry »Imana ribitubwira ukundi ngo: Ntimushushanywe n’ ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose mugize imitima misha, kugirango mumenye rwose ivyo Imana igomba, nivyo vyiza bitunganye rwose (Abaroma 12: 3).

Mu vy,ukuri, abantu bo hanze batari abo mu nzu y’Imana bagomba kudushingira intahe nk’iyo Hamani yashingiye Abayuda, naho nyene yabanka, mbere agategura no kubahonya. Nuko Hamani abarira umwami Ahasuwerusi ati:  Hariho ubwoko busabagiye, bukwiragiye mu mahanga yo mu bihugu vyawe vyose, kandi ivyagezwe vyabo ntaho bihuriye n’ivy’ayandi mahanga yose, kandi ntibitondera ivyagezwe vyawe mwami (Esiteri 3: 8) Uko niko dukwiye kumera. Nivyo Yesu avuga muri aya majambo ngo: S’ab’isi, kuko nanje ntar’uw’isi (Yohani 17: 16).  Mbega har’ihanga rihambaye rifise imana iri hafi yaryo nkuko Uhoraho Imana yacu ari hafi yacu, iyo tumwambaje? Canke hari ihanga rihambaye rifise amabwirizwa n’amateka ashinzwe aroranye nkukw’ibi vyagezwe vyose biri…? (Gusubira mu Vyagezwe 4: 7-8). Umuntu w’Imana Nehemiya yasengeye ubwoko bw’Imana ati: wavuganye nabo (Abisirayeli) uri mw’ijuru, ubaha amateka agororotse n’ivyagezwe vy’ukuri, n’ivyashinzwe hamwe n’amabwirizwa vy’agahore. Wabamenyesheje isabato yawe yera, ubashiriraho amabwirizwa n’ivyashinzwe n’ivyagezwe… (Nehemiya 9: 13-14). Ibi birakomeye, ndetse mbere n’iteka rihambaye. Mu gihe abandi bariko barwana intambara yo kwubahiriza amategeko y’amadini yabo, abandi bakarwanira imico barazwe na basekuru, twebwe tugomba kwereka isi yose ko dufise amategeko twubahiriza adasa n’ay’abandi, tukagira n’isabato idasa na ya sabato yabo ya dimanche.

Umukiza wacu yararivumereye ati: Nimwankunda muzokwitondera ivyagezwe vyanje (Yohani 14: 15). Abanyamadini nabo biyita abakristu bati: Ivyagezwe vya Yesu ni vyinshi, ntaco bipfana n’ivyagezwe cumi vy’Imana. Womenga rero hariho itandukaniro hagati ya Yesu na Data. Ariko siko biri, ivyagezwe vy’Imana cumi nivyo vyagezwe vya Yesu, kuko yavuze ati:  Jewe na Data tur’umwe (Yohani 10: 30) Ntimugirengo naje gusenyura ivyagezwe canke amajambo y’abavugishwa n’Imana. Sinaje kubisenyura naje kubishitsa. Ndababwire ukuri, gushitsa aho ijuru n’isi bizoviraho, nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizova ku vyagezwe, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa. N’uko rero uwuzorenga ibwirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abandi ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Ariko uyitondera akayigisha, uyo azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru (Matayo 5: 17-19)

Abapadiri n,abapasitori bigishije isabato idahuje n’iyo Imana yaduhaye, bakabesha ngo umusi wa dimanche niwo musi w’indwi wo kuruhuka, ntibashobora kubona umwanya mu bwami bw’ijuru. Kuko ijambo ry’Imana rirabitomora ko umusi Yesu yazutseko ariwo wa mbere w’imisi indwi, niwo twita ngo n’umusi wa  dimanche, abandi ngo n’umusi w’imana canke icumweru. Soma neza ubutumwa bwiza bwanditswe na Yohana, usanga urya musi Yesu yazutse ko ar’umusi w’ibikorwa, ndetse mbere ngo n’uwo kurima. Dusoma ngo: (Mariya) we  yiyumvira ko (Yesu) ar’umurimyi waho (Yohani 20: 15). Usomye neza iyo nkuru kuva ku murongo wa mbere, usanga havugwa mwo ivyabaye  mu gitondo c’izuka rya Yesu, ku musi wa mbere w’indwi.

Amategeko yacu ntasa n’ay’abandi  rero, kuko twebwe twemeza ko umusi w’indwi ar’isabato, ariko bo isabato bakayita ngo n’umusi wa gatandatu.

Imana ibahe gutahura no kwitandukanya n’ubwoko bw’abanyavyaha, mw’izina ry’Uwaducunguye Yesu-Kristu. Amen

Miburo Balthasar

 

Publié dans:Non classé |on 28 juin, 2015 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire