Archive pour septembre, 2011

NTUBE UMUGOROROTSI ARENGEJE URUGERO

NTUBE UMUGOROROTSI ARENGEJE URUGERO

Umusiguzi 7: 16

Abantu benshi bagerageza kwiyerekana ko bagendera ku Vyanditswe Vyera, ariko iyo uravye neza ukurikije umuco dukura m Vyanditswe Vyera nyene, usanga bamwe babiterwa n’ukwubahiriza idini. Nshatse kuvuga bimwe vyo kwereka umuntu ivyo akwiriye kurya no kunywa canke kwambara,NTUBE UMUGOROROTSI ARENGEJE URUGERO 624_341_ec817521e42455570b193f83ec00484d-1304675263 kandi uwo muntu atarashika mu gihe co gukundana akaramata na Yesu-Kristo.

Ukwera kwawe ni kwaba gushingiye ku vyokurya  canke ku vyo kunywa wihanye, uracabura vyinshi mu kumenya Yesu. Kuk’ Ubwami bw’ Imana atar’ukurya n’ukunywa, ariko n’ukugororoka n’amahoro n’umunezero vyo muri Mpwemu Yera (Abaroma 14: 17).

Dukwiye kwerekeza abantu ku Mwagazi w’Imana yitangiye ibicumuro vyacu tukizeza abatwumva bose ko uwo Yesu ariwe atweza kubw’amaraso yiwe. Kuko twebwe ntidushobora kwera.  Raba ko Imana itizigra abasavyi bayo, n’abamarayika bayo ngo ibabonamwo amafuti… Umuntu vyshoboka bite kw’aba uwera? Canke uwavyawe n’umugore, vyoshobka bite ko aba umugororotsi? Erega n’abera bayo ntaho ibizigira, mbere n’ijuru naryo ntiritunganye mu nyonga zayo, nanswe umuntu agayitse… agotomera ibicumuro nk’amazi? (Yobu 4: 18 na 15: 14-16) Kristu niwe yera. Erega, niyerekanwa muzoca mwrekanwa nawe mu bwiza (Abakolosayi 3: 4)

N’uko rero ntimuze mwubake gusa ku tuntu mwabwirijwe n’abantu gusa muri ya misi ya mbere igihe mwakira agakiza ariko mutere imbere mu kwegera Kristu no kumumenya. Ego navyo ntimwobireka, ariko muter’imbere mu guhishurirwa Kristu.
Iyo umuntu agitangura kwakira ubutumwa bwiza arashuha cane, akaziririza ivyo bamubwira kuziririza vyose. Ariko iyo ivyo kuziririza bibaye vyinshi mu bitekerezo bikatwibagiza ko Kristo ariwe kugororoka kwacu, dushobora guhera mw’idini gusa, tukibagira Kristu. Erega ngo umuvuduko w’inkoko ngo ntiyibuza kwituma mu rugo…

Muragabe.

Publié dans:Non classé |on 30 septembre, 2011 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire