Archive pour juin, 2011

GIR’UMWETE WO KUMENYA INTAMA ZAWE, WAME UGABURIRA UBUSHO BWAWE (Imigani 27: 23).

Har’amajambo y’Imana dusoma mu gitabo cayo akatugora gutahura hakaba n’ayandi dusanga yoroshe, ku buryo naho umuntu yoyarengako atobona urwitwazo na gato. Abantu bafise ubusho bajejwe n’Imana, hano nibo babwirwa ngo: Gir’umwete wo kumenya intama zawe, wame ugaburira ubusho bwawe (Imigani 27: 23. Abamenyereye gucira imanza abapasitori bahava bibaza ngo nibo bavugwa mur’uwu murongo. Reka da! Havugwa uwari we wese afise uwo ashinzwe gucunga? Imana yabajije Kayini iti: Murumuna wawe ari hehe? Arishura ati sindahazi. Nabaye se umwungere wa murumuna wanje? (Itanguriro 4: 9). Yamara Kayini yaribeshe, GIR'UMWETE WO KUMENYA INTAMA ZAWE, WAME UGABURIRA UBUSHO BWAWE (Imigani 27: 23). Cain-Killing-Abel2kuko umuntu mubana mu nzu imwe, mu rugo rumwe, umubanyi wawe wa bugufi, uwo mujana ku kazi, uwo mukorana, uwo mutonze 5f7f28e25059c530cc4d504a1ad0-mediumhamwe ku murongo ngaho kwa muganga, uwo mugendana mu nzira, uwo ari kumwe nawe ngaho mw’isoko, uramushinzwe ur’umwungere wiwe. Abanyabwenge mu vy’ijuru, bama bitwararitse kumenya ko abo babana bose bahagaze neza mu nzira y’agakiza. Uje wirinda kuvuga vya bigambogambo abantu bakunda vya politike, vy’abagore, vy’inzoga, n’ibindi bidahereranye. Ndababwize ukuri, ku musi w’urubanza, abantu bazobazwa ijambo ryose bavuze ry’amafuti barogotwa (Matayo 12: 36)studying-in-the-kitchen Reka gutakaza umwanya, gerageza gushaka ukuntu winjiza mu bandi ibiganiro biberekeza ku nkuru nziza y’agakiza kabonerwa muri Yesu-Kristu. Si ngombwa ko muba musangiye idini canke imyaka canke ubwoko canke igitsina, kuko abantu bose Yesu yarabapfiriye, kandi arabashaka bose. Kuko uweza (Yesu) n’abezwa (twebwe) bose bakomoka  kur’Umwe. Nico gituma bitamuter’isoni kutwita abavandimwe biwe(Abaheburayo 2: 11)  Kora nka Paulo, hanyuma Imana ni yabacengezamwo ivyo uriko uravuga, ntihazobura abakubaza, nkuko babajije Paulo bati: Woshobora kudusobanurira ivyo bintu bishasha wadukanye uriko urigisha?(Ivyakozwe n’Intumwa 17: 19). Ahasigaye Mpwemu azokuzako, igikorwa c’Imana azocikorera, wewe uzoba igikoresho c’imana gusa.  Ni wabona bavyitabira bafate neza, ubagire incuti zawe, ubagendere, mwige ijambo ry’Imana hamwe, mbere musenge. Erega, abagize ubwenge bazaka nk’inyenyeri mw’itazanure ry’ijuru, kandi abazoba barigishije benshi ivyo kugororoka, bazokayangana nk’inyenyeri, igihe cose (Daniyeli 12: 3). Burya, ubupasitori s’amashure, kandi s’ukugendana Bibiriya mu ntoke, kandi ubugabo s’urucumu! Reka ndakwibire akabanga: Imana iyo yagutoranije nka Yeremiya, irakubwira iti: Imbere yuko ndakuremera mu nda ya nyoko, nari ndakuzi, kandi imbere yuko uva munda yiwe, nari narakurobanuye, preacherboynari naramaze kukugira umuhanuzi w’amahanga (Yeremiya 1: 5). Yeremiya yaranezerejwe n’uwo muhamagaro aravuga ati: Nanje kugira ngo ndakwubahe, sinigeze nanka gukora umurimo wo kuba umwungere (Yemiya 17: 16).

Kandi Yeremiya yagize umwete mwinshi wo kugabura ijambo ry’Imana mu Banyisiraeli no mu banyamahanga, gushika naho avuga ati: Aravumwe umuntu akora bizumangiye mu gikorwa c’Uhoraho (Yeremiya 48: 10). Nuko rero va hasi, ni waba umaze kuba umwana w’umuhungu canke w’umukobwa amaze kumenya ubwenge, ukaba uri umusore canke inkumi, ur’umugabo canke ur’umugore, korer’Imana bigishoboka, intama zawe, n’izo nyene muri kumwe. Ariko wobura vyose, girl%20prayingukananirwa no kubasengera? Ihangane, imbaraga zose ziva muri Yesu, zimusabe!

Publié dans:Non classé |on 22 juin, 2011 |Pas de commentaires »

IGITERAMO CO GUSENGA CO KURI IYI SABATO YO KU WA 11 RUHESHI/ KAMENA

 INDIRIMBO ITANGURA

Nshim’umusi

1. Nshim’ umunsi nakwemeye, Mwami Yesu Mukiza we!                                                                                                                     Nshima cyane n’ umutima, Ndabgiriz’ ibinnezeza

 Mpimbaze, mpimbaze; Yesu wankijij’ ibyaha.                                                                                                                                      Anyigisha kumuramya, Ngo nnezerw’ iminsi yose;                                                                                                                     Mpimbaze, mpimbaze Yesu wankijij’ ibyaha.

2.  Biramaze, napfiriwe, Nd’ uwa Yesu wandokoye;
Yangiz’ uwe, nkurikire, Nshima yuko ntowe na we

3.  Mutima wanjye ruhuka; Reba mw ijur’ ahejejwe,
Ntugasig’ Umwami wawe, Bana na we mwumvikane.

ISENGESHO

Mwami Imana, ur’Imana yaremye ijuru n’isi, waremye umuntu mw’ishusho yawe kubw’urukundo rwawe. Naho icaha catumye mpindana kubera ibikorwa vyanje bibi, ndakwinginze ngo mur’aka kanya umpe guhinduka musha, unyogeshe amaraso y’Umwana wawe Yesu-Kristu yaviriye kumusaraba i Golgota. Ndabigusavye mw’izina ry’uwo Yesu Kristu nyene, Umwana wawe n’Umukiza wacu. Amen

TWICISHE BUGUFI IMBERE Y’IMANA

Mana, n’undememwo umutima wera, umpe umutima mushasha umeze neza (Zaburi 51: 12)

TWIGE IJAMBO RY’IMANA

MUGUMY’UMUTIMA NATSINZ’ISI (1)IGITERAMO CO GUSENGA CO KURI IYI SABATO YO KU WA 11 RUHESHI/ KAMENA paul+preaching+at+athens+raphael

Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw’isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi bizera. Ariko Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y’abanyamahanga ngo bagirire inabi bene Data (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 2).

Aba bantu bavuzwe muri iyi mirongo bari muri Ikoniya, ni Paulo na Barunaba (Ivyakozwe n’intumwa 13: 50). Bari bamaze  amasabato abiri bavuga ubutumwa muri Antiyokiya h’i Pisidiya (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 14). Bagitangura, vyari vyababereye neza, ku musi w’isabato binjira mw’isinagagi baricara. Isomwa ry’amategeko n’abahanuzi riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo bati: Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanura abantu ni murivuge (Ivyakozwe n’intumwa 13: 14-15). Ico gihe Paulo yabonye bamugiriye icizere, yanka guta umwanya, aca aranzika abibutsa ivyo Imana yakoreye ubwoko bw’Abisirayeli vyose kuva kuri sogokuruza wabo Aburahamu asorongora ubuhanuzi bwo mu Vyanditswe Vyera mu majambo avunaguye, abereka ukuntu babaye intagondwa mu migenzo yabo, inyigisho z’Imana bakazigira iz’idini. Yerekanye ko uguharirwa ivyaha vyabo kubonerwa muri Yesu gusa (ni musome Ivyakozwe n’intumwa 13: 16-39) Arangije kubibutsa ubuhanuzi, acabareka ico atumbereye, kugirango bisubireko bihane, ati: N’uko mwiyubare ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana vyoye kubashikako (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 40). Aha yavuga ivyago bishobora kubasukwako kubera ishavu ry’Imana ku banse kwihana.

Mur’urwo rusengero, ni yo sinagogi y’Abayahudi, Paulo n’abo bari kumwe bahagiriye umugisha, hihana abantu benshi.  Iyo Ijambo ry’Imana rivuzwe ku buryo burashe kandi bwumvikana, hatarimwo kuzarira no gutwenza abatwumva, bigira akamaro kenshi. paulandcircumcisionBariko barasohoka barabinginga ngw’ayo majambo az’avugwe kw’isabato izoza. Abari mw’isinagogi bamaze gusabagira, benshi mu Bayuda bo n’abatoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Paulo na Barunaba; nabo bayaga nabo, barabahanura ngo bashishikare kuguma mu buntu bw’Imana (Ivyakozwe n’intumwa 13: 42-43). Aha ndashaka kuhasubiramwo, kubera bene Data b’abavugabutumwa muri iyi misi. Musabe Imana ubwenge bwo kuvuga bike vyumvikana, nivyo bigira ikimazi mu mitima y’abavyumva.

Ivyo Paulo yavuze kuri iyo sabato, bagiye barabihererekanya muri iyo ndwi yose, ku buryo kw’isabato ikurikira iyo, hakoranye nk’abo mu gisagara cose kwumva ijambo ry’Imana. Ariko Abayuda babonye ishengero ryinshi buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora. Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga bati: Vyari bibereye ko Ijambo ry’Imana ribanza kubwirwa mwebwe; none ko murishibuye, mukerekana ko mutabereye ubugingo budashira, ehe-e, twigiriye mu banyamahanga. Kuko Umwami Imana ariko yatubariye ati Ndagushizeko, kugirango ube umuco w’amahanga, kugirango n’abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza. Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza Ijambo ry’Imana, abari baragenewe ubugingo budashira bose barizera. Ijambo ry’umwami Yesu rikwira muri ico gihugu cose. Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana n’abakuru bo muri ico gisagara, bavyurira akadendererezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntara yabo. Nabo babakunkumurirako umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo. Abigishwa buzuzwa umunezero na Mpwemu Yera. Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw’isinagogi bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera. Ariko Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y’abanyamahanga ngo bagirire inabi bene Data (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 44- 14: 2).

Ni waba wakurikiranye neza, muri iki cigisho, haravugwamwo Abayuda n’Abayuda. Nshatse kuvuga ko hariho Abayuda bizeye amajambo y’agakiza Paulo na Barunaba bavuga, ariko haravugwa n’abandi Bayuda batera akajagari, kubera ko babonye abantu bagiye kubacika bakaja mu nyigisho za Paulo na Barunaba. Ntibitangaje. Kuko Satani nawe akoresha abantu. Ico kiyoka kigirira wa mugore (ishengero) inzigo, kirigira ngo kigwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera amategeko y’Imana, kandi bagahagarara nk’abagabo nka Yesu (Ivyakozwe n’intumwa 12: 17). Mu gihe idini ryamaze gushinga imizi mu gihugu, hakaza abavugabutumwa bavuga batary’umunwa, ni ngombwa ngo iryo dini rikore uko rishoboye kwose ngo riteshe agaciro amajambo y’ukuri ava mu Vyanditswe Vyera bivugwa n’abo bakozi b’Imana. Mu bihugu vyinshi mbere, umuntu yigisha ibiteye kubiri n’ivyo idini ry’igihugu ryemera, bamucira urubanza rwo gupfa. Vyarabaye kenshi no mu gihe c’umwijima, mu gihe abantu nka Luteri, Jean Huss, Jérome, aba vaudois n’abandi barapfuye bazira ko batemera guha icubahiro amajambo y’abantu ngo bayarutishe amajambo y’Imana.  Ni waba ukorer’Imana vy’ukuri, udakorer’idini ryazanywe n’abantu, aya majambo azogushikako ngo:  MW’ISI MUZOGIRA AMARUSHWA MENSHI, ARIKO MUGUMY’UMUTIMA, NATSINZE ISI (Yohani 16: 33).

GUSHIGIKIRA IGIKORWA C’IMANApic-index

Nkuko musanzwe mugira ibintu vyose neza, mu kwizera, mu gukomeza ijambo, mu kunguka ubumenyi, mukagira n’umwete muri vyose, no mu rukundo mudufitiye, ni mwongere mugire neza mu gushigira iki gikorwa c’ubugiraneza (2Abakorinto 8:7)

ITANGAZO:

 

Turamenyesha ko hari mwene Data azogera mu Rwanda vuba, akaba yipfuza gukoranya abantu bakunda kwiga ibi vyigisho. Bamwe baramaze kuvyumva kari baratumenyesheje ko bazomwakira. Ni mwaba mwipfuza kuja muri iryo teraniro, ni mubitumenyeshe, tuzobaha gahunda yose ku buryo burambuye.

INDIRIMBO IHERUKAGuitare_Electrique

1.  Bayoboke nimurangurure, Mwamamaz’ ubutumwa mw isi yose.                                                                                  Nimugwiz’ ayo makuru mu bantu! Abashaka nibaze.

Uwemey’ aze! Uwemey’ aze! Nimubimenyesh’ abatuye hasi!                                                                                               Umubyey’ aratarur’ abana be, Abashaka nibaze.

2.  Ushaka kuza yitindiganya, Niyinjir’ irembo riruguruye.

       Umwami ni we nzira y’ ubugingo, Abashaka nibaze.


3.  Ushaka wese n’agire bgangu! Kand’ agir’ ubugabo yihangane.

       Ushaka wes’ azahabg’ ubugingo, Abashaka nibaze.

 ISENGESHO RIHERUKA

Data, wakoze neza kubera iri jambo ryawe, mpa kuritahura no kurigendera, mw’izina ryra rya Yesu. Amen

 

Publié dans:Non classé |on 10 juin, 2011 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire