IGITERAMO CO KURI IYI SABATO YO KU WA 28 RUSAMA/GICURASI 2011

INDIRIMBO ITANGURA

Inanga - trough zither of Burundi

1.  Naguzw’ amaraso y’ intama, Nshunguzw’ imbabazi zayo                                                                                                              Ubu nd’ umwana wayo rwose, Nta ho ntazabyamamaza.

Nkiza, nkiza, n’amaraso yawe Yesu.                                                                                                                                                 Mboneza, mboneza!Nd’ umwana wawe rwos’ ubu.

2.  Mpimbaze Yesu wankijije, Nta wuz’ uko nnezerewe.
       Ni we mucyo mwiz’ unyobora, Ahorana nanjy’ iteka.

 

3.  Ntabgo mpug’ Umukiza wanjye, Njya mmutekerez’ iteka.
       Ntabgo ndambirwa kumurata, Njya nsingiz’ urukundo rwe.

4.  Nzi ko nzamubonan’ ubgiza, Nnezerwa n’amateka ye.
       Andinda nez’ aho njya hose, Mmutaramira ndirimba.

5.  Nizeye kw ambikiy’ ikamba, Mu rugo rwe rwo mw ijuru.
       Maze tuzahoran’ iteka, N’ abamuyobotse bose.

TWICISHE BUGUFI IMBERE Y’UMUREMYI:

IGITERAMO CO KURI IYI SABATO YO KU WA 28 RUSAMA/GICURASI 2011 Sabilo+conference+-+prayer+time+chairman+for+blog

Data wa twese uri mu ijuru, Izina ryawe ryubahwe, Ubwami bwawe buze, Ibyo ushaka bibeho mu isi, Nk’uko biba mu ijuru; Uduhe none ibyokurya byacu by’uyu munsi; Uduharire imyenda yacu, Nk’uko natwe twahariye abarimo imyenda yacu; Ntuduhäne mu bitwoshya, Ahubwo udukize umubi; Kuko ubwami n’ubushobozi n’icyubahiro ari ibyawe, None n’iteka ryose. Amen. (Matayo 6:9-13)

TWIGE IJAMBO RY’IMANA

UBUTUMWA BW’ABAMARAYIKA BATATUvlcsnap-2009-11-12-15h22m09s4

 Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yatiriye ijuru (mu kirere) afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo kubarira ababa mw’isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga ati: Mwubahe Imana muyihimbaze kuko igihe c’amateka yayo( c’imanza zayo) gishitse, musenge Imana yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko (y’amazi).

ellenwhiteUmumarayika wundi wa kabiri akurikirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni cagisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino (inzoga) niyo burake bw’ubushakanyi bwaco (niyo burakari bw’uubusambanyi bwayo).

Umumarayika wundi wa gatatu akurikirako, avuga n’ijwi rirenga ati Ni hagira umuntu asenga cagikoko n’igishushanyo caco, akemera gushirwako ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, ni yo burake bw’Imana, yiteguwe, idafunguye mu gakarabo k’uburake bwayo (iteguwe y’umugahu mu kabindi k’ishavu ryayo). Kand’azobabazwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera (beranda) n’imbere ya wa Mwagazi. Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro, abasenze ca gikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco. Aha niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana (amategeko y’Imana) n’ukwizera nka Yesu.

Numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti Andika  uti : Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: Egome, ngo baruhuke ubutame bwabo (imiruho yabo), kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 6-13) 

Igihe twatangura kwiga ibi vyigisho, muribuka ko twatanguriye ku vyerekeye amashengero indwi. Mur’ayo mashengero indwi, murazi ko Yesu yayahaye ubutumwa butangurwa n’aya majambo ngo: Wandikire umumarayika w’ishengero ry,i… Ivyigisho vyose vyatweretse ko umumarayika ar’ukuvuga intumwa. Kuko mu kigiriki iri jambo rivugwa ngo  »angelo » niryo ryavuye mwo,  »angelus » mu kilatini, canke  »ange » mu gifransa. Rihuje n’irindi bita  »messager » mu gifransa. 1337312716Muri Bibliya y’igifransa yahinduwe na Louis Segond,  handitswe ngo: Il fait des vents ses messagers, des flames de feu ses serviteurs (Psaume 104:4). Mu kirundi handitswe ngo: Uhindura abamarayika bawe imiyaga, abasavyi bawe ubahindura umuriro waka. Mu kinyarwanda naho handitswe ngo: Agira abamarayika be imiyaga, Abagaragu be abagira imbeya z’umuriro (Zaburi 104: 4). Ubu butumwa turiko turiga rero, ntibuzovugwa n’abamarayika b’amababa, abamarayika bagomba kuburira ababa mw’isi ni jewe na wewe.  Mu gitabo c’Umuhanuzi Daniyeli handitswe ngo: Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu; niho ahantu hera hazobona guhumanurwa. Kandi ivyerekanywe vy’ubwira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ukuri, ariko ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kuko ari ibizoba haheze igihe kirekire (Daniyeli 8: 14, 26). Kandi umumarayika yareretse umuhanuzi Daniyeli ibizoba muri yo myaka 2300, anamubwira ko bigomba gutangura  »uhereye igihe itegeko ryo kuvyura no kwubaka Yerusaremu rizoshingwa (Daniyeli 9: 25). Soma neza Daniyeli 9: 25-27, uzosanga ubuhanuzi bugera mu gihe c’iherezo. Iyo uharuye neza, usanga turi mu gihe co co gucirwa imanza zanditswe mu gitabo co mw’ijuru, imbere y’izina ry’umuntu wese muri twebwe. Reka tuvyige neza: Itegeko ryo kuvyura no kwubaka Yerusaremu ryatanzwe mu mwaka wa 457 imbere ya Kristu. Kuva uwo mwaka, usanga imyaka 2300 irangira mu mwaka w’1844. Kandi abazi ivyerekeye amateka y’isi, ivyo abarundi bita  »Kahise », berekana ko uwaka w’1844 wabayemwo umuvyuro ukomeye mu vy’Imana, ku buryo amashengero menshi yari yiteguye ukugaruka kwa Yesu muri uyo mwaka. Ni murabe muri ibi bicapo nababoneye ukuntu ibintu vyagiye bikurikirana gushika muri 1844, murabe n’igihe tugezemwo nk’uko kivugwa n’intumwa Petero ngo:  Kuko igihe gishitse c’uko urubanza rutangirira mu b’inzu y’Imana: none ko rutangiriye kuri twebwe, iherezo ry’ abatumvira ubutumwa bwiza bw’Imana rizomera rite? (1Petero 4: 17).  Raba iki gicapo kugirango mubitahure neza. Naho kiri mu congereza, kirasobanutse neza.  Iki gicapo gitanga amatariki makuru makuru. lesson16-13Hagati ya 457 imbere yo  kuvuka kwa Yesu no mu mwaka wa 34 inyuma y’ivuka rya Yesu nyene, habaye ibi bikurikira:  

a- 457 imbere y’ivuka rya Yesu: Ku ngoma y’Abami b’Abamedi n’Abaperesi, niho umwami Arutazeruzi yategeka kwuba no kuvyura Yerusaremu. Imirimo yari iyobowe n’umuherezi Ezira (Soma Ezira 7, igice cose, na Daniyeli 9: 25-27).

b- Mu mwakawa 331 imbere y’ivuka rya Yesu: Hari ku ngoma y’Abami b’abagreki, ni muri ivyo bihe ubwo bwami bwigaburamwo ibice bine, buruhira gutemba. Ico gihe bwategekwa na Alexandre le Grand. Bwasubiriwe n’ubw’Abaroma bwakombowe muri 476 nyuma ya Yesu.

c-Mu mwaka wa 4 imbere ya Yesu (niko bawita), Yesu yaravutse.

d-Mu mwaka wa 34 inyuma yo kuvuka kwa Yesu, niho umudiyakoni Stefano yagandagurwa n’abayahudi. Muri ico gikorwa kibi, berekanye ko bahakanye icese agakiza kava muri Kristu, ariko imiryango yaciye ipfungurwa ku banyamahanga, ubutumwa bujanwa mw’isi yose (Ivyakozwe n’intumwa 8: 3)

e- Mu waka wa 538, niho ububasha bw’Ubupapa bwari bumaze kwiha akanyarigabo, bugarariza n’ivyanditswe, burogotwa no ku Mana. Dusoma muri Bibiliya aya majambo ngo: agahembe gatoya karakura, kaba rinini cane, ryerekera i bumanuko n’iburasirazuba no mu gihugu c’ubwiza. Rihinduka rinini ryagamba no mu ngabo zo mw’ijuru, mbere ingabo zimwe n’inyenyeri zimwe ribishiburira hasi,p6-tiara rirabisiribanga. N,uko ryigira agahambaye, mbere ryiringaniza n’umugabisha w’ingabo, rimunyaga ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uko bwije, inyubako z’ahera hiwe zirasangangurwa. Izo ngabo bo n’ico kimazi gihora gitangwa, bigaburwa mu maboko yaryo kubg’igicumuro. Ivy’ukuri ribishiburira hasi, maze rikora ivyo ryigombeye riratunganirwa (Daniyeli 8: 9-12). Iyi mirongo irasobanutse neza, nkako irangije ivuga ngo: Ivy’ukuri ribishiburira hasi, maze rikora ivyo ryigombeye, riratunganirwa. Mwirinde ivyo kuguma mw’ishengero kuko ribemerera gukora ibibaryohera, kugirango mutunganirwe. Ako n’agace mbaciriye.

f- Mu mwaka wa 1798 inyuma y’ivuka rya Yesu, niho intwazangabo y’Ubufransa Berthiaume yacirakw’iteka Papa Piyo wa VI, nirwo ruguma ruvugwa cane mu vyahishuwe rwoshoboye kwica ca gikoko, ariko ngo rwarakize (Ivyahishuwe 13: 3, 12, 17: 8).

g-Mu mwaka w’ 1844, niho ya misi 2300 yarangira. Nk’uko twavyize kuva kera, umusi wo mu buhanuzi ungana n’umwaka, kuko handitswe ngo: Umusi uzohwana n’umwaka (Guharura 14: 34). Dukurikije ubwo buhanuzi, dusanga ko kuva mu mwaka w’1844, ari ho imyaka 2300 yarangiye, ahantu hera (mu buturo bwera) habona guhumanuka. William Miller(yavutse kw’itariki 15 Ruhuhuma/gashyantare 1782, apfa kuri 20 Kigarama/Ukuboza 1849. Yigishije cane ubutumwa bwiza bwo kugaruka kwa Yesu muri iyo myaka y’umuvyuro.

Umupfasoni (umutegarugori) nawe yitwa Ellen Gould White  (Raba ifoto hariya hejuru, ku ntangiriro y’icigisho, n’urya mutegarugori arimo kwandika) yarakoreshejwe  n’Imana cane muri ivyo bihe. Ubutumwa bwavuzwe nawe hamwe N’abandi bakozi b’Imana muri ivyo bihe n’ubu bugenda bukwirakwizwa kw’isi yose.  Uyu Ellen Gould White yavutse kw’itariki 26 Munyonyo/Ugushingo apfa kw’itariki 16 Mukakaro/Nyakanga 1915, amaze imyaka 87. 

Murashobora kumbaza muti, none ko imyaka yageze kw’iherezo ryayo, ahera hagahumanurwa, kuki Yesu ataragaruka kujana ishengero? Raba ibisubizo: Iyo umuherezi mukuru yaba yinjiye mw’ihema ry’ibonaniro, kugirango atange impongano z’ivyaha vy’ubwoko bw’Imana, ntiyaca asohoka ubwo nyene, hariho imihango yagomba gukora. Ishengero ryose ryagomba gutegereza hanze kugera igihe azosohokera. Ntihaze hagire umuntu n’umwe agera mw’ihema ry’ibonaniro, igihe Aroni yinjira Ahera kubatangira impongano, gushitsa aho azoba asohokeye, amaze kwitangira impongano ubwiwe bo n’urugo rwiwe, no kuyitangira ishengero ryose ry’Abisirayeli (Abalewi 16: 17). Kuko Kristu atinjiye ahera cane hakozwe n’intoke h’ikigereranyo cah’ukuri, ariko yinjiye mw’ijuru ubwaho,

kugirango non’aduserukir’imbere y’inyonga z’Imana. Kandi nkuko abantu babikiwe gupfa rimwe hanyuma yaho hakaza amateka (gucirwa imanza), na Kristu n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishire kw’ivyaha vya benshi, azob0neka ubwa kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze. … Amaze gutanga ikimazi kimwe c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana, aherako arorera igihe abansi biwe bazohindurwa indava yo musi  y’ibirenge vyiwe (Abaheburayo 9: 24, 27-28 na 10: 12-13). Ico gihe Kristu arorereye n’igihe gikomeye cane, kizorangiza intsinzi yiwe neza neza. Si we gusa n’abamarayika barakirorereye kandi n’ivyaremwe vyose birakirorereye, n’abavugishwa n’Imana aribo bahanuzi bapfuye bipfuza kubona ico gihe (bafitiye amatsiko ico gihe). Ivy’ako gakiza, abavugishwa n’Imana, aribo bavuz’ubuntu mwagira muze muhabwe, barabirondera, bakabisesa, bases’igihe icarico n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yatagura ivy’imibabaro ya Kristo bitari bwabe, n’ivyiza vy’uburyo bwinshi bwagira buze buyiherukire. Kandi bahishurirwa yuko ataribo bavyikorera, ariko ko ari mwebwe babikorera, ni vyo none mumaze kubarirwa n’abababwiye ubutumwa bwiza bavugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw’ijuru: kandi ivyo abamarayika bipfuza kubirunguruka (babifitiye amatsiko) (1Petero 1: 10-12). Niyumvira yuko imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubwiza tuzohishurirwa. Kuko ivyaremwe vyiteze uguhishurirwa kw’abana b’Imana

 biguhahamiye cane.                                                

Kuko ivyaremye vyategetswe kuganzwa n’ibitagira ikimazi, kandi si vyo vyavyigombeye, vyategetswe n’Imana yashatse ko bimera gurtyo, kugirango vyizigire yuko navyo bizocungurwa, ngo ntibibe mu buja bwo kubora, ariko bizohabwa ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bw’abana b’Imana (Abaroma 8: 18-21).

Ba bantu bakunda kugenda baririmba mu nzira ngo barakijijwe, ndashaka kubibutsa ko abazitwa abakijijwe vy’ukuri ari abazokwemerwa muri uko gucungurwa guheruka, canke abashingirwa  intahe(abahamywa na Mwuka) na Mpwemu ngo: Hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Sindabigishije ko abashingirwa intahe( abemerwa) n’abantu aribo bakijijwe. Oya, n’abashingirwa intahe n’abemerwa) na Mpwemu. Bitabaye ivyo, ba bandi bandika abantu mu gitabo c’abatagatifu boba bari mu kuri rero. Ariko noneho siko biri, kuko ijambo ry’Imana ryerekanye ko atari ukuri, hahirwa abashingirwa intahe na Mpwemu, amen.  

Yesu ntiyigeze yigisha ko ivyo gucungurwa kwacu vyarangiriye ku musaraba. Yego yaravuze ngo: Birarangiye (Yohani 19: 30), kuko yariko arerekana ko Satani atsinzwe, ko abazokwemera kwihangana kugera ku rupfu nka Kristu, bazotsindira ubwami bw’ijuru. Ariko hari hasigaye ko abera bakomeza kwihangana muri Kristu.  Aya majambo nay’ukuri ngo: Ariko ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike (Luka21: 28). Aya majambo Yesu yayavuze yerekeza ku bimenyetso vy’ibihe vy’imperuka, arivyo tugezemwo. Dutegereje gucungurwa. Uwutavyemera ubwo nawe afise uwundi Kristu yizera, mugabo uwacu, ariwe intumwa n’abahanuzi bizera, uko niko yabivuze.

Nifatanije n’izo ntumwa n’abahanuzi, n’abavugabutumwa bose b’intahemuka kandi b’imvugakuri, nti:  Ni mwubahe Imana muyihimbaze, kukw’igihe co guc’imanza cayo gishitse. Ni musenge iyo Mana yaremy’ijuru n’isi n’ibiyaga n’amasoko. Ijambo ry’Imana ritubwira ko dusabwa kwama tuvyibuka ku musi w’indwi samedi, ndetse tukabigira nk’umusi mukuru mw’izina ry’Umuremyi wacu. Handitswe ngo: Wibuke kuziririza umusi w’isabato. Mu misi itandatu uze ukore, abe ariyo ukoreramwo imirimo yawe yose, ariko umusi ugira indwi, niwo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa  nakimwe ukora kuri uyo musi, wewe ubwawe, cank’umuhungu wawe, canke umukobwa wawe, canke umugurano wawe, cank’umuguranokazi wawe, cank’inka yawe, canke uw’iyambukira aba i wawe. Kuko imisi itandatu ariyo jewe Uhoraho naremeye mw’ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,nkaruhuka ku musi ugira indwi: nico catumye jewe Uhoraho mpezagira (mp’umugisha) uyo musi ugira indwi, nkaweza (Kuvayo 20: 8-11). Iri tegeko  ryitwa ikimenyetso c’Imana muri Bibiliya (Ezekiyeli 20: 20). Kandi biraboneka ko arico. Ni nka kurya iyo umutegetsi yanditse urwandiko rutegeka ivyo yipfuza, iyo agiye kururangiza, arudomako ikimenyetso (ikashe, ikidodo). Muri kashe haba harimwo izina ry’igihugu, n’Ubushikiranganji uwo mutegetsi akoreramwo. hagati muri kashe, ahashiramwo izina ryiwe n’umukono wiwe -signature. (akarorero: REPUBLIKA Y’UBURUNDI, Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, izina n’umukono)cachet. Itegereze neza mu mategeko cumi, usanga iryo ariryo rimwe ryujuje ibi mvuze, kandi niryo rishobora no gusenya Babuloni mw’izina rya Yesu. Gute? Muri iyo mirongo, harerekana aho ubutegetsi bw’Imana butegeka hose: Ijuru, n’isi, ikiyaga n’ibirimwo. Umurimo w’Imana: Iryo tegeko ryerekana ko Imana ari Umuremyi. Izina n’umukono w’Imana: Muri iryo tegeko, uzosanga izina ry’Uhoraho risubiwemwo gatatu: ngo jewe Uhoraho Imana yawe, jewe Uhoraho naremye ijuru n’isi, jewe Uhoraho Mpezagira umusi w’isabato. Umukono: Imana yawe. Gerageza gushakisha, nta wundi musi Imana yakoreye ibi bintu bitatu arivyo: Kuruhuka, Guhezagira, no Kweza. Soma neza kandi iryo tegeko urabe.

Ubu  butumwa bwiza buzovugwa buvanze n’amahoro n’umunezero bibonerwa muri Kristo Yesu, kandi buzosenya Babuloni n’abayihishamwo bose bagafatanya nayo. Kuko ubugabo bwa Babuloni, bushingiye kw’isabato yindi bwizaniye itari mu Vyanditswe Vyera. Ni wa musi wa mbere w’imisi indwi: dimanche, na vya bindi vyo kuvuga ngo ku cumweru ni yo sabato y’abakristu, ngo ni wo musi w’indwi wo mw’isezerano rishasha. Abandi bati twarakijijwe umusi ntaco utubwira, ngo Yesu ni we ngombwa. Abandi bati: Nivyo koko ndabona ko isabato ari iy’ukuri, ariko nzoyihimbaza ukwanje, sinshaka kuja mw’ishengero kuko bahava banyita umusabato canke umudivantiste. Uretse ko nkumbure woba wagiriwe ubuntu budasanzwe, ubundi nta muntu ahimbaza isabato wenyene ngo abishobore. Uhoraho aravuga ati: Ku musi ugira indwi n’isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera (Abalewi 23: 3). Paulo yavuze ati: Ku musi w’isabato turenga irembo ry’igisagara, tuja ku ruzi, dukekako hobayo ahahora hasengerwa. Turicara, tuyaga n’abagore bahakoraniye (Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13). Ushobora kuba udakunda abadivantiste canke abayahudi n’abarokore, izo n’ingorane zawe. Ariko ntiwoca urenganya Imana ngo n’uko ijambo ryayo ryemewe n’abadivantiste hamwe n’abayahudi n’abandi. Ah’ubwo mbona ko war’ukwiye kunezerwa n’uko wahora wanka umuco, ukaba noneho uwubonye, ukava mu mwijima, Alleruya!!!

Ariko rero bakobwa b’i Babuloni, ngo igipfa kiburiwe n’impongo: Ibi tuvuga ntivyanditswe n’abasabato canke abadivantiste, ntivyanditswe n’Abayuda canke abarokore. Uwo Yesu muvuga ko yababohoye kw’isabato, niwe abahakanira ati: N’uko uwuzorenga ibwirizwa narimwe ryoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abandi ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Ariko uyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru (Matayo  5: 19). Wohava umbwira uti: none mbaye muto hanyuma y’abandi, ariko nkaba ndi mubwami bw’Imana, ikibazo se coba kiri hehe? Igisubizo: Kwitwa muto mu bwami bw’Imana, niko kuba mu kibanza ca nyuma. Kandi Yesu aravuga ati: Kandi hari ab’inyuma bazoba ab’imbere, nab’imbere bazoba ab’inyuma (Luka 13: 30). Kuri abo bazoba ab’inyuma ngo  »aho niho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo (Luka 13: 28). Bite se kandi kandi yavuze ko hazoba ari mu bwami bw’Imana? Yego nyene. Erega n’uwo muriro bazojamwo nawo wacanywe n’Imana, ntiwibaze ngo n’umuriro  wadometswe canke waremwe na Satani. Muri Bibliya y’ikinyarwanda dusoma ngo: Uwiteka yahagize hagari (hanini), ikome ryaho(icokezo caho) n’umuriro w’inkwi nyinshi, umwuka w’Uwiteka umeze nk’umugezi w’amazuku ariwo urikongeza (uridomeda) (Yesaya 30: 33) Kuko Satani nta kintu na kimwe yaremye, akazi kiwe n’ukonona ivyaremwe gusa. N’uwo muriro urumvako wacanywe n’Imana.  Handitswe kandi ngo: Maze azobwira n’abari i bumoso, ati Mva i ruhande mwa bivume mwe, muje mu muriri utazima, wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe(Matayo 25: 41). S’Umurwanizi yawuteguye, ahubwo yarawuteguriwe.gehenne Umurwanizi n’ukuvuga  »Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Imana » umu opposant. Aho hazotsindagirwayo abadafise ca kimenyetso c’Imana, kuko bazoba bahisemwo ikimenyetso c’inyamaswa.

Abasenyeri  bakomeye muri Ekleziya Gatorika baravuze aya majambo ngo: Ekleziya Gatorika, ibitewe n’amabanga yashinzwe n’Imana, yarakuye icubahiro ku musi w’indwi (samedi) igishira ku musi wa mbere, vyabaye imbere y’imyaka irenga 1000, imbere y’uko haboneka umuprotestanti n’umwe (Catholic Mirror, septembre 1893). gibbonsEgome, Ekleziya Gatorika iremeza ko ariyo yahinduye ivyo. Ni naco kimenyetso c’ubutegetsi n’ubugabo bwayo mu vyerekeye iyoboka Mana (C. F. Thomas, chancellier du Cardinal Gibbons).

Iyi ni ifoto ya Cardinal Gibbons

Umve rero twumvikane: Ni hagira umuntu asenga ca gikoko, akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, niyo burake bw’Imana, yiteguwe idafunguwe mu gakarabo k’uburake bwayo. Kand’azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi. Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro, abasenze cagikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco (Ivyahishuwe 14: 9-12).

Gushirwa kw’ikimenyetso caco mu kiganza canke ku ruhanga, bivuga ngo gupfa gukora ivyo wigombeye n’amaboko yawe ku musi wayo wera, ariwo w’indwi, samedi (Yesaya 58: 13, Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15). Mu ruhanga, n’ukuvuga ko ushobora kuba wiyemeza n’ubwenge bwawe bwose kugarariza, kugomera iryo tegeko ry’Imana, wishimikije idini, ubukene, canke gutinya gupfa n’ibindi…

Abantu batari mw’ishengero Gatorika ry’i Roma, iyo bifatanije naryo mu kweza dimanche bishimikije inyigisho z’amangetengete yazanywe n’abayobozi b’ayo madini, baba baremye igishushanyo c’inyamaswa. Nico gituma ubu butumwa butunga urutoke abasenga inyamaswa n’igishushanyo cayo, mu misi y’iherezo. N’ukuvuga abakunda inyigisho z’Ekleziya Gatorika canke z’Abaprotestanti b’iki gihe, bakazirutisha iziri mw’Ijambo ry’Imana.  Nico  gituma ubu butumwa bwiza buvuga buti: Nta mukobwa, nta nyina, bose ni kimwe (Ezekiyeli 16: 44). Wibuke ko mu cigisho giheruka twize ko Bibiliya yerekana ko bariya bera ibihumbi ijana na mirongwine na bine batandujwe n’abagore(Ivyahishuwe 14: 4). Twarasobanuye ko abagore basobanura amashengero nkuko Bibiliya ibivuga (1Abakorinto 11: 2, Abagalatiya 4: 24-31).

Amadini ya gipagani yose azoruhira kuvangwa n’ayabakristu yaguye. Kandi nico amanama ya Oeucuménisme ashaka kugerako.

Hariho abantu baharaye kuvuga ngo: Dukundane gusa, ivyo birakwiye kuko Imana n’imwe. Abandi bati: Kwigisha ijambo ry’Imana n’ukuzana ibice bitandukanya abavukana. Iyo s’imvugo yo muri Mpwemu, n’iy’abadayimoni. Kuko Ijambo ry’Imana rivuga ko hari abasenga Imana n’abasenga ibigirwamana (Zaburi 115: 2-9). Nta nyigisho yerekeye kugiriranira ubumwe n’abatubaha Imana iboneka muri Bibliya, ah’ubwo handitswe ko tugomba kubatwara neza (kubagusha neza ) tukabereka Kristu yababambiwe ku musaraba. Handitswe ngo:

Mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo no kuvyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye(1Petero 2:12). Ni muve hagati ya ba bandi, mu bitandukanyeko, niko Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe, nanje nzobakira, kandi nzobabera So, namwe muzombera abahungu n’abakobwa, niko Uhoraho ashobora vyose agize (2Abakorinto 6: 17-18)

Ndavyigisha, ariko nziko bitoroshe kubigumya (kubikomeza). Ariko uko vyoba kwose, ntutinye ivyo ugiye kubabazwa. Eh’uwo Murwanizi azoshira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi icumi. Wame uyoboka gushitsa gupfa, nanje nzoguka urugori rw’ubugingo (Ivyahishuwe 2: 10). Raba inkuru yerekeye ukuntu uwu mukristu bariko baramwica urw’agashinyaguro kubera izina rya Yesu. Vyabaye vuba cane muri Turquie. Fyonda kuri: tp://www.paperblog.fr/1661933/la-turquie-persecute-ses-chretiens/ La Turquie persécute ses chrétiens 

Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara gutsinda, azokwambikwa urugori rw’ubuzima, rumwe Imana yasezeranira abayikunda (Yakobo 1: 12). Kandi rero: Aha niho ukwihangana kw’abera kubonekera. Bitondera amategeko y’Imana, bakagira no kwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Uyu murongo, reka ndawushire mu kirundi gisanzwe: Aha niho ubugabo bw’intore z’Imana bubonekera, bitondera amategeko y’Imana, bagahagarara nk’abagabo nka Yesu. Ni vyaba ibi uvyumvise neza, kandi ukaba wiyemeje kubikurikiza, naho wopfa uyu musi nta rubanza rwoba rukuriko. Nuko rero noneho abari muri Kristu Yesu nta rubanza ruzobatsinda (Abaroma 8: 1) Kandi burya ngo: Urupfu rw’abakunzi b’Imana, rugira agaciro karekere mu maso yayo (Zaburi 116: 15) comingpersecution

N’uko rero umenyeko, Hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: egome, ngo baruhuke ubutame bwabo, kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 13).

Mbese ibintu uriko urakora muri iyi misi bigukurikiranye, ubona vyoguhesha agaciro imbere y’intebe y’Imana? Canke vyogukoza isoni?

Imana ikugirire neza mwene Data, iguhe kurwana utsinda, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

UGUSHIGIKIRA IGIKORWA C’IMANA:976-1504-large

Mur’aya majambo ngo: Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yatiriye ijuru (mu kirere) afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo kubarira ababa mw’isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga ati: Mwubahe Imana muyihimbaze kuko igihe c’amateka yayo( c’imanza zayo) gishitse, musenge Imana yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko (y’amazi) (Ivyahishuwe 14: 6-7); turabona ko ubu butumwa bwiza bugomba kuvugwa bwihutishwa kugirango bushike ku baremwe bose, mu mahanga yose, mu ndimi zose no moko yose. Djilas%20dispensaireIki n’igikorwa gisaba kwitanga. Kandi twabonye ko uwo mumarayika avugwa ari jewe na wewe. Ariko twese ntitwahamagariwe, kwigisha, canke gukwira ibihugu, hariho abategerezwa kugenda, n’abandi bahamagariwe kubashigikira. Nico gituma hakenewe ikigiracumi n’amaturo (amashikanwa). Uwudashoboye kuja ku rugamba, agashigikira uwuri ku rugamba, bose bazosangira ibihembo. Kuko ijambo ry’Imana riravuga ngo: Uwatabaye ku rugamba n’uwacunze imizigo bose bazogabura banganye(1Samweli 30: 24) .

Ni mutange ibigiracumi n’amaturo yanyu rero mutidodomba, kuko abapasitori n’abavugabutumwa, bazoronka ibihembo bingana n’ivy’ababashigikije ibigiracumi n’amaturo, kugirango igikorwa c’Imana ntigihagarare. Ariko mubigire n’umutima mwiza, kuko Imana ikunda uwutanga afise umunezero mu mutima (2Abakorinto 9: 7).

INDIRIMBO IHERUKA:

1.  Bayoboke nimurangurure, Mwamamaz’ ubutumwa mw isi yose.                                                                                                   Nimugwiz’ ayo makuru mu bantu! Abashaka nibaze.0

Uwemey’ aze! Uwemey’ aze! Nimubimenyesh’ abatuye hasi!                                                                                                       Umubyey’ aratarur’ abana be, Abashaka nibaze.

2.  Ushaka kuza yitindiganya, Niyinjir’ irembo riruguruye.                                                                                                              Umwami ni we nzira y’ ubugingo, Abashaka nibaze.

3.  Ushaka wese n’agire bgangu! Kand’ agir’ ubugabo yihangane.                                                                                                           Ushaka wes’ azahabg’ ubugingo, Abashaka nibaze.

ISENGESHO RIHERUKA

Mwami Yesu, turashaka gukor’iki gikorwa cawe co gukwiza ubutumwa bwiza kw’isi yose. Duhe imbaraga, kandi wemere kugendana natwe, kuko wavuze ko tutarikumwe na wewe ko atakintu twokwishoboza­. Dukuremwo umutima wo kwikunda no gukunda ubutunzi bwacu. Twigishe gutanga tutiziganya kugira ngo iki gikorwa kirangire vuba. Ibi tubigusavye tuzi ko uzobidukorera, wewe Mwami, waducunguje amaraso yawe y’agaciro ntangere. Amen.

                                                                                                                                        

  .

 

Publié dans : Non classé |le 27 mai, 2011 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire