IGITERAMO CO GUSENGA CO KURI IYI SABATO YO KU WA 9 NDAMUKIZA/MATA 2011

Kubera abanywanyi bacu bavuze ko badatahura amajambo amwamwe y’ikirundi, indirimbo n’amasengesho bitangira nabishize mu kinyarwanda, ariko ibikurikira vyose, nagiye mvanga ikirundi n’ikinyarwanda. Ni mwandike ico mutekereza kuri ibi biteramo vyo kw’isabato.

INDIRIMBO ITANGURA IGITERAMO CO GUSENGA CO KURI IYI SABATO YO KU WA 9 NDAMUKIZA/MATA 2011 nickpiano

1. Nkukw’izuba rituvira, rikarabagirana

Nik’umuco wo mw’ijuru, Wansavye mu mutima

Wawukuyemo iby’amanjwe, Utangaz’ibihishwe

Kuko mu mutima wanje nahatuj’Umukiza

Icitabirizo:

Mbeg’umuco w’agatangaza,wansabye mu mutima

Ineza y’Umwami Yesu, yambereye nk’umuco

2. Natay’agahinda kwose, Ntabwo nkikitayeho

Kuk’unyambits’amahoro, Ameze nk’umwitero

Nkwerekejeh’umutima, Ndakwishimiye cane

Nzagezw’i wawe mw’ijuru narwa rukundo rwawe

Icitabirizo:

Mbeg’umuco…

Mukiza warancunguye Nd’uwawe uko ndi kwose

Nyemerera nguhmbaze nkuber’umuco waka

Nkwerekejeh’umutima ndakwishimiye cane

Nzoshitsw’i wawe mw’ijuru, na rwa rukundo rwawe

Icitabirizo:

Mbeg’umuco…

ISENGESHO:woman-black-prayer-2  

Data mwiza ugir’ubuntu kandi udukunda twese, ndagarutse imbere yawe kur’uwu musi wawe wera wejeje, ukawuha umugisha. Unyihanganire kubera ukuntu nagiye nigomeka ku mategeko yawe nkiyibagiza rwose ko umwana wawe yapfuye azira ukutumva kwanje. Umbabarire kubera igihe cose namaze nkandagira isabato yawe, ngendera mu bitekerezo bibi, mu kuvuga ibigabo bibi, bijanye n’imirimo mibi. Data, ndeba, nj’uko ndi, narahindanye, ariko ndawinginze, nyihanganire Muvyeyi, wemere iri sengesho ryanje, unsubize mu bana bawe, kubwa Yesu-Kristu, Umwami wacu. Amen.

TWICISHE BUGUFI IMBERE Y’UMUREMYI:

Nk’uko Se w’abana abagirira akagongwe, niko Uhoraho akagirira abamwubaha. Kuko aziiremwa ryacu, yibuka ko tur’umukungugu (Zaburi 103: 13-14)

TWIGE IJAMBO RY’IMANA:  

KUGWANIRA UBWAMI BW’IMANA bible-study

Uhereye mu gihe ca Yohani Umubatizi ugashitsa n’ubu, barabandanira ubwami bwo mw’ijuru, ababandana babunyarukisha ubuhizi (Matayo 11: 12)

Har’inyigisho zikwirakwzwamuri iyi misi y’iherezo, zigishwa n’abigira abakristu ataribo, ngo abantu bakijijwe na Yesu nta kintu gishobora kubakura mu gakiza. Ngo iyo wemeye Yesu ugakizwa, ngo biba birangiye.  Yamara siko Bibliya yigisha. Ijambo ry’Imana rivugango: Ariko umugororotsi wanje azobeshwaho no kwizera, naho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje(Abaheburayo 10: 38).

Yohani yari yigishije Abayahudi (aribo Bayuda)ivyo kwihan’ivyaha ngo bakizwe, avuga ati: N,uko mwame imbutozikwiranye no kwihana (Matayo 3:8). Izo mbuto nazo s’izindi, ni za zindi zo muri Mpwemu: n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, n’ukwirinda (Abagalatiya 5: 22-23). Yamara izo mbuto za Mpwemu Yera iyo zifashwe nabi zirononekara zigapfa. Dusabwe rero kuguma muri Yesu. Aravuga ati: Umuntu n’ataguma muri jewe atabwa nkuko ishami ritererwa inyuma y’uruzabibu, maze bakayatororokanya, bakayaterera mu muriro, agasha(Yohani 15: 6). Niyo uravye ukuntu abakristu benshi bifata,urabona neza ko umuntu ashobora kuba yarigeza kubana naYesu, hanyuma akamuheba. Bisaba kwihangana ukagwana intambara ya misi yose.Yesu ati: Umuntu ni yashaka kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe ankurikire (Mariko 8: 34).bible_study_250x251

Ababatijwe na Yohani ntibakurikiye Yesu bose. Kandi n’ababatijwe na Yesu n’Intumwa ntibagumye mu kuri bose. Ibuka inkuru ya Ananiya na Safira (Ivyakozwe n’Intumwa 5: 1-11). Ndakwinginze ngo ukomeze gutakambira Yesu ngo aguhe inkomezi, wirinde icaha n’igisa naco, ni vyaba ngombwa wemere upfe, niko kubandanira ubwami bw’Imana (Kubyiganira ubwami bw’Imana, mu kinyarwanda). Mwibuke muka Loti (Luka17: 32)

GUSHIGIKIRA IGIKORWA C’IMANA

Turakeneye ubufasha cane kubera bene Data bagize imirwi yo kwiga Bibiliya badafise aho kwigira ijambo ry’Imana, abandi bakenye ibitabo vy’indirimbo, abandi bakeneye icoshobora kuramira amagara yabo kuko bararwaye. Ubu twandika iki giteramo dufise n’umwana arwariye mu bitaro mu Kirundo. dollar1Abiga Bibliya bo mu Gitobe nabo barakeneye ivyo gusakara kugirango bigire mu nzu imeze neza. Urashobora gufasha, twandikire tukwereke ico woshobora kudufashamwo: tremblay.francoise@yahoo.fr canke paroissetwihane@yahoo.fr

Umuntu wese atange nk’uko abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagoberewe, kuko Imana ikunda uwutanga anezerewe (2Abakorinto 9: 7)

INDIRIMBO IHERUKA:

Mu kibanza c’indirimbo iheruka, fata Bibiliya yawe usome muri Yesaya 54:14-17

ISENGESHO RIHERUKA:

N’uko Mwami umpe umugisha wawe, unyigishe kukwubaha muri vyose guhera uwu musi, naho nyene vyoba biteye ingorane, unyigishe kwihangana ku bwa Yesu-Kristu Umwami wacu. Amen.

Publié dans : Non classé |le 8 avril, 2011 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire