Archive pour février, 2011

ARIKO MWIRINDE (2)

UMWITWARARIKO W’IVY’UBU BUGINGOARIKO MWIRINDE (2)

Ariko mwirinde ngo imitima yanyu ntiremerwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwarariko w’ivy’ubu bugingo (Luka 21: 34)

Iri jambo ngo umwitwarariko w’ivy’ubu bugingo, ni kimwe mu bintu abategereje Yesu babwirizwa kwirinda. Kandi nico kinahambaye, kuko umwansi w’aberanda nawe arazi ko ariho hazogusha benshi. Yabwiye Imana ati: Amagara akabwa ayandi, ivyo umuntu atunze ashobora kubitanga vyose hako ubuzima bwiwe bumuvako (Yobu 2: 4). Job_1153_vol_6-1022Satani yar’aziko ni yateza ivyago umubiri wa Yobu, ko Yobu azogera igihe, kwihangana bikamunanira, agasugurirwa, akarogotwa ku Mana. Nivyo intumwa Yakobo atwibutsa ati:  Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, murazi n’ivyo Umwami yamukoreye hanyuma, kuko umwami wacu yuzuye imbabazi n’ubuntu (Yakobo 5: 11). wcg_africa_homeIntumwa z’ukuri ntizivuga ivy’amahoro gusa, nka bamwe bavuga ngo beretswe ko aha na hariya hazoba hazoba ibintu bimeze gurtya na gurtya. Kandi bavuye umurenzako igikomere c’umukobwa ariwe bantu banje , bavuga bati n’amahoro n’amahoro kandi ata mahoro ahari (Yeremiya 8: 11). Uguhanura ivyiza gusa nkuko tuvyumva mu bantu bihaye kwiyita abahanuzi n’intumwa, n’igikorwa cavuye mu mwansi w’aberanda, kuko  nta mahoro azoshobora kuboneka ku bantu b’Imana mu misi iri imbere. Ndiko ndavuga amahoro yo kw’isi (la paix politique ou sociale). Ayo ntayahari imbere yacu, ndetse mbere uko imyaka izogenda ikurukirana, niko bizogenda birushaho kuba bibi gushika aho bigera no ku rukoba rwawe ubwawe, muntu w’Imana!  Mbere abasha ka kugenda bubaha Imana bose bari muri Kristu-Yesu bazohamwa (2Timoteyo 3: 12). Ibintu vyiza tugomba kubwira abantu b’Imana n’ukubararikira kuvuga ubutumwa bw’abamarayika batatu ngo: MWUBAHE IMANA MUTIHIMBAZE, KUKO ICIHE C’AMATEKA YAYO GISHITSE, MUSENGE IYAREMYE IJURU N’ISI N’AMASOKO Y’AMAZI (Ivyahishuwe 14: 7). Ubwo butumwa buvuzwe neza buzosenya na Babuloni, gushika aho no mw’ijuru bavuga ngo: Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga inzoga (divayi) niyo shavu ry’ubusambanyi bwaco (Ivyahishuwe 14: 8). …Ni hagira umuntu asenga ca gikoko (ya nyamaswa) n,igishushanyo caco akemera gishirwa ko ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri uwo muvinyu, niyo shavu ry’Imana, n’inzoga yiteguwe itagiyemw’amazi, iri mu kabindi k’ishavu ry’Imana. Kand’azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere alg_bibley’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi. Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibazoruhuka ku murango no mw’ijoro abasenze ya nyamaswa n’igishushanyo cayo, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso cayo (Iyahishuwe 14: 9-11). Ng’ubwo ubuhanuzi bw’iki gihe tugezemwo.  Ni waba utababazwa n’ukuntu abantu bariko Nicaragua,+teaching+the+Bible+in+Mayangnabarazimira bisuka mu maboko ya Satani, urumva ko ufise ibindi bigushishikaje! Mbese ubwo buhanuzi bwerekana ko ibihugu bizogira amahoro abogaboga nk’uruzi, bwoshoboka bute kuranguka ku bana b’Imana, mu gihe Yesu, atubwira ati: MW’ISI MUZOGIRA IMIBABARO MYINSHI, ARIKO MUGUMYE UMUTIMA…. (Yohani 16: 33). Ariko simbaciriye kw’iteka kuko abafise irari ry’amahoro n’ivyiza vy’iyi si bazobibona, ariko bizomara akanya gato, hanyuma abo nyene bavyipfuje ni vyo bizobahitana. Aho bazoba bavuga bati Har’amahoro nta nkomanzi, niho uguhona kuzobazako giturumbuka, nkuko ibise biza ku mugore ari ku nda, ntibazokwikiza na gatoya (2Abatesalonike 5: 3). Benshi bigira intumwa n’abahanuzi ngo babashe kurya ingo z’abapfakazi mu kwivugisha amasengesho y’urudaca n’amajambo maremare ( de grands discours), ariko ubuhanuzi twasigiwe n’abakurambere mu kwizera buvuga buti: Rusty+&+Webby+teaching+bible+classKandi abashaka kugenda bubaha Imana bose bari muri Kristu-Yesu bazohamwa (2Timoteyo 3: 12). Benshi baba bifitiye akanyota ko kuba baravemvera mu vy’isi kuko bazi ko Yesu yohava aza ejo akabakuza amata mu kanwa. Ariko iyo baba bari bazi ikibi bariko barakora…. boshoboye kubona ko bariko bararya kandi banywa amaraso ya bene wabo kandi bazobibazwa ku musi warwo! Muzobon’ibara mwebwe abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, kuko murya ingo z’abapfakazi mwivugisha amasengesho menshi mubesha, ni co gituma muzocirwa urubanza ruruta urw,abandi (Matayo 23: 14)

Abo nibo babujije ko Yesu agaruka, kuko abantu b’Imana bagira ngo barakora igikorwa ngo kije imbere, abo bahanuzi b’ibinyoma nabo bagakurura bajan’inyuma, babesha ngo nabo beretswe ibi na biriya… Kuko iyo igikorwa kiza kugenda nkuko Imana yari yagihaye ishengero ryayo, abantu bakareka kurangazwa n’ubwo buhanuzi butagira ishingiro, ubu tuba turiko turakandagira mu mihanda y’izahabu muri Yerusaremu nsha yo mw’ijuru.3_Outdoor_Bible_School_MalawiImana siyo yatebeje amasezerano yayo vyatewe n’ukutabarirwa kwacu. Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, nkuko beshi bavyiyumira ko vyatevye. Ariko yihanganira mwebwe, ntigomba ko hagira abahona, ariko igomba ko bose bihana (2Petero 3: 9).  Kuko ubuhanuzi bwose bukwiye kwerekeza abantu mu gukora bihutisha umurimo w’Imana atari bimwe vyo kubwira abantu ngo ko mudatanze ibigiracumi n’amaturo muravumwe wa muvumo! Uwubuze ikigiracumi kuribo ntaco aba amariye itorero. Ariko ubutumwa bwiza bwazanywe n’Umwami n’Umukiza wacu Yesu-Kristu buravuga ngo: Iyo muba muzi ico iri jambo rivuga ngo: Nshaka imbabazi sinshaka ibimazi, ntimuba muremetse intahe ku bantu batagira igicumuro (Matayo 12: 7). philBiyumvira ngo barashobora gutuma igihugu canje cibagira izina ryanje kubera inzozi bagenda barotoreranira, nkuko basokuruza babo banyibagiye bagatorana Bayali (Yeremiya 23: 27). Uhoraho yarabaretse baravuga ivyo bishakiye, bibagiza abantu amategeko y’Imana, babemerera ubuntu butagira ishimikiro, batangura kugoramika amajambo ya Paulo n’izindi ntumwa, kugira ngo ibinyoma vyabo bibone isoko. None ubu bageze naho bashinga amatariki y’umusi Yesu ngo azoza kubatora mw’ibanga, abandi bagahanura ngo iki gihugu na kiriya kizobamwo ibi na birya, n’ibindi n’ibindi… teaching_time_6Mbe ayo matariki bariko barashinga, ni babona Yesu ataje kur’uwo musi bazoheza babigenze bate? Mbe nk’ivyo bemerera abantu ngo bizomera gurtya na gurtya, ni bitaba bazomenya bireguza iki?  Ivyo kurahira ntituvyemerewe, ariko nshobora kubivuga ntabihisha ko umuntu apinga amategeko y’Imana yanditswe mu gitabo co Kuvayo 20: 3-17, agahakana isabato y’Uwiteka ko adashobora kwinjira mu ngoro y’Imana. Kuko, umunyavyaha naho bomugirira ubuntu, dp0674671ntashobora kwiga ivyo kugororoka, ah’ubwo no mu gihugu c’abagororotsi yohakorera ivyaha, ntiyokwigera yitaho icubahiro c’Umwami Imana (Yesaya 26: 10). Nta mahoro y’abanyavyaha, niko Imana yanje ivuga (Yesaya 57: 21). None ukwo kwerekwa kundi kuva hehe? N’uko Satani akomeza kubereka ivyiza gusa, kuko arivyo bakunda. Kandi ntibigera bazinukwa isi, kuko iyi si yabaryoheye ariko Uhoraho avuga ko bazoyibatsindamwo: Guhindura umusi w’Imana ariwo sabato bakawushira ku musi w’izuba (sunday), ntamahoro bizohesha ishengero. Imisi imana yiremeye bayihaye ibigirwamana vy’inyenyeri zo kw’ijuru (lundi, jour de la lune, mardi, jour de mars, mercredi, jour de Mercure, jeudi, jour de Jupiter, vendredi, jour de Venus, samedi, jour de saturne). Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho rero: Bazobarambika imbere y’izuba, n’imbere y’ukwezi, n’imbere y’izo ngabo zo kw’ijuru, kuko arizo bakunze, bakazikorera, bakazikurikira, bakazishakashaka, bakazunamira; ntibazokwegeranywa, ntibazohambwa, bazomera nk’umwavu kw’isi (Yeremiya 8: 2). Ariko mweho abubaha izina ryanje, izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo, muzosohoka mwikina amatavu nk’inyana zo mu ruhongore, muzosiribanga abanyakibi, bazomera nk’umunyota (ivu) musi y’ubworo bw’ibirenge vyanyu, kur’uwo musi nateguye, niko Uhoraho nyen’ingabo agize (Malaki 4: 2).

Mwirinde imitima yanyu yoye kuremerwa n’umwitwarariko w’ivy’ubu bugingo, P1180836ah’ubwo muvuge imvugo imwe n’Intumwa Paulo muti: Yewe jewe ndagowe! Ninde azonkiza uwu mubiri w’urupfu?… (Abaroma 7: 24). Kuko Uwuzoshaka gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwuzobuheba kubwanje no kubera ubutumwa bwiza azoburokora. Mbe umuntu vyomumarira iki, gutunga ivy’isi yose, kandi yamaze gutakaza umutima wiwe? (Mariko 8: 35-36)

 Dusabe Imana rero bene Data, iduhe kwirinda, no kurinda abana bacu, kugirango ntiduhitanwe n’ico gihuhusi c’abahanuzi… Iherezo ryabo n’uguhona, Imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’isi nu vyo bibaraje ishinga. Tweho i wacu ni mw’ijuru, niho twiteze Umukiza kw’azova, ni we Mwami Yesu-Kristu (Abafilipi 3: 19-20) 

Imana ibahe kwirinda umwitwarariko w’ivy’ubu bugingo mu ngo zanyu cane cane, kugira ngo muze mutahukane n’abana banyu kuri wa musi, kuko abo bahanuzi b’ibinyoma bakunda kwifatira urwaruka. Mugire amahoro yImana,  ku bwa Yesu-Kristu Umwami wacu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 28 février, 2011 |Pas de commentaires »

IGITERAMO CO GUSENGA KURI IYI SABATO YO KU WA 05/03/2011

IKI GITERAMO NTITURAMARA KUCANDIKA.

INDIRIMBO ITANGURA 

Har’igihugu ciza cane

1. Har’igihugu ciza cane, twazeraniwe n’Imana

Tukirorereye twizera ko Data yakitweretse

Icitabirizo:

Aheza mw’uru, tuzohuriryo bagenzi (2x)

ISENGESHO:

Data mwiza udukunda, umpe kugubwa neza imbere yawe mur’aka kanya ngiye kugusenga no kwiga ijambo ryawe, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

TWICISHE BUGUFI IMBERE Y’UMUREMYI:

Ni muze tumusenge twunamye dupfukamre Uhoraho Umuremyi wacu (Zaburi 95: 6)

TWIGE IJAMBO RY’IMANA:  

URUPFU RW’UWAVUGISHWA N’IMANA ZAKARIYA

Bitayeko muzokorwa n’amaraso yose y’abagororotsi yaviriye kw’isi, uhereye ku maraso y’Abeli umugororotsi, ukageza ku maraso ya Zakariya mwene Barakiya mwiciye hahati y’ahera h’urusengero n’igicaniro (n’alutari) (Matayo 23: 35). IGITERAMO CO GUSENGA KURI IYI SABATO YO KU WA 05/03/2011 michel-ange-le-prophete-zacharie

Uwu Barakiya yari umuhereji (umuseserdoti, umutambyi) mukuru. Niwe Bibiliya yita Yehoyada.  Uwo Zakariya niwe yanditse kirya gitabo citwa ic’Umuhanuzi Zakariya. Atangura ico gitabo avuga ngo: Ijambo ry’Imana ryaje kuri Zakariya mwene Berekiya (Zakariya 1:1). Yehoyada ariwe Barakiya canke Berekiya se wa Zakariya, yakoze ibishimwa n’Uhoraho gusa. Niwe yayoboye imigabo n’imigambi y’umwami Yowasi, dore ko Yowasi yar’amaze imyaka indwi igihe yaja ku ngoma; ayimarakw’imyaka mirongwine i Yerusaremu…  Yowasi akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu gihe cose umuherezi Yehoyada yabayeho (2Ngoma 24: 1-2). Uwu Yehoyada ni we yabohoje igihugu mu gihe cari caguye mu minwe y’umwamikazi Ataliya. Uwo mwamikazi Ataliya niwe yagandaguye abo mu nda y’ingoma bose b’i Buyuda,  amarana igihugu imyaka itandatu agitegeka nabi (2Ngoma 22: 10, 12). Ariko Yehoyada aramvye igihe kirekire ashika mu zabukuru, araheza arapfa; yapfuye amaze imyaka 130. Bamuhamba ku murwa wa Dawidi hamwe n’abami, kuko yakoze neza mu Bisirayeli, no ku Mana, no kuvy’ingoro yayo. Hanyuma Yehoyada amaze gupfa, abaganwa b’i Buyuda baraza, bakubita inkoro hasi imbere y’umwami yumviriza ivyabo. Maze baca baheba ingoro y’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, basaba Ashera n’ibindi bishushanyo. Uburake bw’Uhoraho buraheza buza ku Bayuda no kub’i Yerusaremu kubw’ico gicumuro cabo. Yamara (Uhoraho) akagenda abarungikira abavugishwa nawe (abahanuzi) bo kubagarukana kuri we, 240px-Wesley_at_asburybakama babagiriza, ariko bo banka kwumva. Maze Mpwemu w’Imana aza kuri Zakariya mwene Yehoyada umuherezi; ahagarara ahataramutse imbere y’abantu, arababarira ati uku ni ko Uhoraho Imana agize; Ngo n’iki cabateye gucumura ku mabwirizwa yiwe, bikababuza kuroranirwa? Ko mwahevye Uhoraho, nawe arabahevye. Bamugira inama bamwicisha amabuye bivuye kw’itegeko ry’umwami, bamutsinda mu nyubakwa yo ku ngoro y’Uhoraho. Uko nikwo umwami Yowasi atibutse ineza Yehoyada se w’uwo Zakariya yamugiriye, akamwicira umwana wiwe nyene. Akiriko arapfa yaravuze ati: Uhoraho n’arabe ibi abihore (2Ngoma 24: 15-22).

Isi yacu iriko iregereza igihe abantu baziziba amatwi, bakibagira abantu bagendanye canke abantu babagiriye neza babigisha ijambo ry’Imana.dyn006_original_384_266_jpeg__e6fdfd7c4f3ce9ee8e9ef4d387a68b74 Bazoshira imbere ubugome bubi bitewe  n’inyungu mbi bazoba bashaka kugerako. Nico gituma iki gihe turimwo dutegerezwa gukora igikorwa c’Imana tucihutisha, tukavuga ubutumwa tutazuyaza nka Yehoyada, nta wubizi ko abana bacu bizoborohera kubuvuga. Bashobora kwicirwa mu nsengero na Zakariya. Ibi n’ukuri bizoshika, kandi henshi vyaramaze gushika, kuko vyavuzwe n’uwudashibora kwibesha. Mwirinde abantu.  Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo. Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampora, muzoba ikimenyetso kibabere icabona, bo n’abanyamahanga. Ariko babashengeranye ntimuze muhagarike imitima mwibaza ico muzovuga n’ingene muzokivuga, kuko ivyo muzovuga muzobihabwa muri ako kanya. Kuko atazoba ari mwebwe muvuga, azoba ari Mpwemu wa So avugira muri mwebwe. Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, n’umuvyeyi azoshengerana ikibondo ciwe, n’abana bazogarariza abavyeyi babo babicishe. Muzoba mwanswe na bose babahora izina ryanje, ariko uwihangana agashitsa kw’iherezo niwe azokira (Matayo 10: 16-22).

Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana no mu za Kristu Yesu azocirakw’iteka abazoba bariho n’abazoba bapfuye, kandi no kubwo kuboneka kwiwe n’ubwami bwiwe, uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanure mu kwihangana kwose no mu kwigisha. Kukw’igihe kizoza, aho batazoshobora kwemera ukwigisha kuzima, ariko kuko amatwi azoba abarya bipfuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahuje n’ukwipfuza kwabo, kandi bazokwiziba amatwi ngo ntibumve ukuri, bazozimira, bakurikire imigani y’ibinyoma. Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igokorwa c’umuvugabutumwa, ushitse igikorwa c’ibanga ryawe (2Timoteyo 4: 1-5).

Bishobora kugera n’aho ubona ko urupfu ruri imbere yawe, ariko ntutinye. Kora igikorwa c’Imana, wame ushaka guter’imbere imisi yose mur’iryo banga. Uhoraho aravuga ati:  Bazokurwanya ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, nijewe Uhorahjo mbivuze (Yeremiya 1: 19)2912984413_daecc6bdf6

Komeza gusenga wihangane, naho wopfa ntiwoba uhemutse, woba upfiriye mu Mwami Yesu nk’umuhanuzi Zakariya. Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: Egome, ngo baruhuke uburuhe bwabo, kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 13), mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

GUSHIGIKIRA IGIKORWA C’IMANA

Ni waba ubona ko iki gikorwa gikwiye gushigikirwa: Soma muri Bibliya yawe 2Abakorinto 9: 7.

INDIRIMBO IHERUKA:

Ndons’incuti nkunda cane ,Yarankunze ntayizi

Yamfatishij’umugozi ni wo rukundo rwayo

Nkund’izo ngoyi zangize imbohe y’umukiza

Nd’uwiwe nawe n’uwanje, kugez’ibihe vyose.

ISENGESHO RIHERUKA:

N’uko Mwami umpe umugisha wawe, unyigishe kukwubaha muri vyose guhera uwu musi, naho nyene vyoba biteye ingorane, unyigishe kwihangana ku bwa Yesu-Kristu Umwami wacu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 25 février, 2011 |Pas de commentaires »

ARIKO MWIRINDE (1)

Ariko mwirinde imitima yanyu ntiremerwe no kudandahirwa ARIKO MWIRINDE (1) 299-istock-000008090452xsmall-s-no kuborerwa n’umwitwarariko w’ivy’ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego, kuko  ariko uzoshika ku bantu bose bashagaje mw’isi yose. Mwame mugavye musenge mu bihe vyose kugira ngo muze mubashe guhunga vyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’Umuntu. (Luka 21: 34-36.

Aya majambo tuzoyiga neza muri iyi misi kandi twizeye ko azobera umugisha ku bantu bose baza gushaka ijambo ry’Imana mu rusengero rwa Paroisse Twihane.

Reka rero uwu musi turabire hamwe iri jambo ngo » kudandahirwahiruth-CROP. Ariko mwirinde imitima yanyu ntiremerwe no kudandahirwa.  Mu vy’ukuri kugira ngo iri jambo ryumvikane neza, twari dukwiye kwihweza neza iri jambo ngo: imitima yanyu ntiremerwe. Erega iyo umuntu yaremerewe n’umuzigo, biramugora kwihuta, kuko ntashobora gutambuka ngo ashingure kandi afise umuzigo umucinyiza. Birumvikana ko ukudandahirwa kuzotuma abenshi basigara mu nzira mu gihe abirinda bariko baragenda bihuta, baramiriza kuko bazoba babonye neza ko ibihe bikwiye, baka menya ko umwami ariko araza kubajana. Kudandahirwa n’ukuvuga kurya ugahimba, ka gahimbo kibagiza kwugara. Iyo umuntu yariye akaremerwa n’inda, ivyo bamubwira vyose ntivyinjira neza, ndetse ahita atangura guhunyiza kubera guhaga. Yemwe yemwe abarindiriye ko umwami agaruka kutujana, mwirinde imitima yanyu ntiremerwe no kudandahirwa! Iyi nyigisho isaba umwimenyerezo w’ukuri atari bimwe vyo gukina. Muri ya misi mikuru yo kurya no kunywa, abasuku b’umwami wacu bakwiye kugira umwimenyerezo wo kuyisiba mwo. Birya vyokurya bitera umutima muke abantu dukwiye gutangura kuvyirinda. Kuko mur’iki gihe tugezemwo, n’igihe co kwiririra, no kwisonzesha no gutakamba kubera ivyaha vyacu biturega.2059182948 Imyambaro yacu ntiyera bene Data! Kur’uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ingabo yari yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha nkomvorera no gukenyera amagunira, yamara bashiraho kwinezereza no guhimbarwa, kubaga inka no kubaga intama, kurya inyama no kunywa vino, bati ingo twirire twinywere kuko ejo tuzopfa Maze Uhoraho yihishurira mu matwi yanje, arambwira ati: ga_img090223.img_assist_customN’ukuri ivyo bicumuro vyanyu ntimuzopfa muvyogejwe ngo bibaveko, niko Umwami Uhoraho agize(Yesaya 22: 12-14). Aya majambo ntavuga ko kurya inyama ar’icaha kitababarirwa, mugabo mu misi y’iherezo hazoboneka imisi mikuru mu bantu yo kurya no kunywa, kuburyo abantu bazoyirukiramwo ari benshi, kubera inyama n’inzoga n’ibindi bintu binuze, bizobibagiza gusenga no kwihana. 015Gurtyo icaha cabo ntibazopfa bacogejwe. Abariko baragenda mw’ijuru rero bazoramiriza bagende, bakomeze amateraniro yabo , babandanye bihe vyabo vyo kwisonzesha no kuganira n’Imana » Imisi mikuru naho izoba ikorerwe mu ngo zabo, bazoyita bigendere kuko ico bazoba bashaka kiryoshe kuruta inyama n’inzoga. Kuko na benewanyu n’inzu yaso aribo nyene bakuryarutse, ni bo nyene bakuvuz’indur inyuma, nawe ntuz’ubemerere naho bokubwira amajambo meza (Yeremiya 12: 6) gomesiNg’uko uko bizokugendera rero, ni wabona batanguye kukwiruk’inyuma bati ntugenda utajanye natwe mu bukwe, woba utumaramaje kand’ari wewe mwana twari twishimiye, yewe ntuze ubemerere naho bokwivugisha gute. Komez’inzira wirabire iy’uja! Yesu azoba akurindiriye nabo batabizi, kuko bazoba abaremerewe n’vyo kurya no kunywa gusa! Kandi nkuko vyari bimeze mu misi ya Nowa, niko bizoba mu misi y’ ukuza kw’Umwana w’Umuntu.  Kuko ariko bari bameze mu misi umwuzure utari bwatere: bararya baranywa, bararongora barashingirwa, bageza kuri wa musi Nowa  yinjiriye mu bwato;ntibagira ico bamenya gushika aho umwuzure waziye ubatwara bose. Niko n’ukuza k’Umwana w’umuntu (Yesu) kuzomera (Matayo 24: 37-39)

Imana ibagirire neza bahe kurinda imitima yanyu vy’ukuri muri Kristu Umucunguzi wacu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 24 février, 2011 |Pas de commentaires »

MUGUMY’UMUTIMA, NATSINZ’ISI (6)

UMWUNGERE MWIZA YIGURA INTAMA ZIWE (Yohani 10: 11)

Baca i Pisidiya, bashika  Pamfiliya. Bamaze kuvuga ijambo ry’Imana i Peruga, baramanuka baja muri Ataliya; bavudukayo bari mu bwato bafata muri Antiyokiya aho bari barazigaishiijwe ubuntu bw’Imana ubwa mbere ku gikorwa baheraheje. Bashiteyo bakoranya ishengero, babiganira ivyo Imana yakoranye nabo vyose, n’ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera. Bamarana n’abigishwa igihe atari gito (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 24-28)MUGUMY'UMUTIMA, NATSINZ'ISI (6) cartePysidie

Izi ntara n’ibi bisagara biri mu karere kamwe: aha i Pisidiya ni ha hari ya Antiyokiya aho Paulo yigisha amasabato abiri hanyuma Abayuda bakagira inzigo kuko haje kwumva ijambo ry’Imana abantu benshi. Mwibuke ko muri Antiyokiya h’i Pisidiya ariho havuye intandaro y’uko ubutumwa buva mu Bayuda bukerekeza mu banyamahanga, abo bita abapagani (Ivyakozwe n’intumwa 13: 46-48). Ariko iyo Antiyokiya yindi ivuzwe ngaho hejuru, aho bagiye mu bwato, n’iyindi Antiyokiya. Ni hanwe muri Antiyokiya ya mbere, aho Barunaba yamenyerereje Paulo kuvuga ubutumwa. Bamarayo umwaka wose bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya niho abigishwa batanguriye kwitwa Abakristu (Ivyakozwe n’intumwa 11: 26).  Aho ni mu maja ruguru y’i Siriya, hafi y’i Seleusiya (Raba kw, ikarata). Niho basubiye, bagenda n’ubwato, niho bari barazigamishijwe ubuntu bw’Imana ubwa mbere ku gikorwa baheraheje. Bashitse yo bakoranya ishengero, babiganira ivyo Imana yakoranye nabo vyose, n’ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera. Bamarana nabo igihe atari gito (Ivyakozwe n’intumwa 14: 26-27). Biraboneka ko iryo shengero ryari mwo amahoro muri ico gihe. paulandcircumcisionKuko niho Paulo yigiye, ahava arajana na Barunaba mu mahanga, n’ukuvuga hariya muri biriya bihugu n’ibisagara tumaze imisi twiga: Antiyokiya h’i Pisidiya, ikoniyo, i Lustra, i Derube, i Pamfiliya, Ataliya, n’ibisagara bindi n’amazinga nka Chipre,  nka Seleusiya, n’i Salamini n’ahandi -raba kw’ikarata (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 4-5, 13-14: 14; 1 n’ahandi).

Umukozi w’Imana s’umupagasi. Umupagasi ico apfana na Shebuja n’ibihembo gusa. N gake umupagasi asubira aho yaciye ingero, kireka afise inyungu yindi ahashaka. Paulo rero yarasubiye muri Antiyokiya, abiganira uko vyamugendeye, barakumburukanya. Bamarana n’abigishwa igihe atari gito (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 28). Hashize imisi Paulo abwira Barunaba ati: Ingo dusubire ha handi tugendere bene Data mu gisagara cose aho twavuze ijambo ry’Umwami Yesu, tumenye uko bameze (Ivyakozwe n’intumwa 15: 36). bible-map-apostle-paul-first-missionary-journeyAha hantu Paulo yashaka gusubira s’ahandi, ni hamwe bamutera amabuye, hamwe Abayuda bashaka kumwicira. Ariko nkuko Yesu yavuze: Umwungere mwiza yigura intama ziwe (Yohani 10: 11). Abayuda bashatse gutera amabuye Yesu (Yohani 8: 59), ariko kuko hariyo abigishwa biwe akunda, cane cane urugo rwa Marita, Mariya na Lazaro, vyabaye ngombwa ko asubirayo, kuko yumvise ko Lazaro yapfuye. Abigishwa bari kumwe bati: Abayuda  baheruka gushaka kuguter’amabuye, none usubireyo? (Yohani 11:8). Ariko yar’agiye kuko yar’azi ko urugendo agiye mwo ruza guhesha Imana icubahiro.

Ni waba uri umukristu akora igikorwa co gukiza imitima y’abantu, ukwiye kuba intwari. BibleTeacherImana yakweretse abantu wigisha, n’aho yoba umwe, abansi bopfuma bamugutsindako hako uheba intama yawe wabikijwe n’Imana. Umwungere mwiza yigur’intama ziwe (Yohani 10: 11). Kuko Imana itaduhaye umutima w’ubwoba, ah’ubwo yaduhaye uw’ubushobozi n’urukundo no kwirinda (1Timoteyo 1: 7). Ariko, abanyabwoba n’abatizera…., umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, nirwo rupfu rwa kabiri (Ivyahishuwe 21: 8). Arahumiwe, umuntu akora igikorwa c’Uhoraho minenerwe (Yeremiya 48: 10).

Ubwo rero, ni waba ukorer’Imana vy’ukuri, udakorer’idini ryazanywe n’abantu, aya majambo azorangukira mu bugingo bwawe ngo: MUR’IYI SI MUZOGIRA AMARUSHWA MENSHI, ARIKO MUGUMY’UMUTIMA, NATSINZ’ISI (Yohani 16: 33).

Mwarakoze gukurikira iki cigisho, turakimaze. Iman’ibahe umugisha mwese, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans:Non classé |on 23 février, 2011 |Pas de commentaires »

MUGUMY’UMUTIMA NATSINZ’ISI (5)

INKOMEZI ZIVA MU KWISHIRA HAMWE MU MWAMI YESUMUGUMY'UMUTIMA NATSINZ'ISI (5) group_prayer

Maze haza Abayuda bavuye muri Antiyokiya no muri Ikoniyo; bamaze kwosha ishengero, batera Paulo amabuye bamukwegera inyuma y’igisagara, bagira ngo yapfuye. Ariko abigishwa bahagaze bamukikije, aravyuka aja mugisagara, bukeye bwaho avanayo na Barunaba aja i Derube. Bamaze kuvuga ubutumwa bwiza muri ico gisagara no guhindura benshi abigishwa, basubira i Lustra no muri Ikoniyo no muri Antiyokiya baremesha abigishwa, babahanura ngo bagume mu kwizera; kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bwami bw’Imana. Kandi bamaze kubatorera abakuru mu mashengero yose, no gusenga bisonzesha, babaragiza Umwami Yesu uwo bizeye. (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 19-23) 

Imbere y’uko dutangura iki cigisho, nashaka kwibutsa abantu bose bakora igikorwa c’Imana bakaba basoma ibi vyigisho ko mukwiye kugenda mwicunga, kuko bariya bantu mwigeze kubwira ijambo ry’Imana bakababwira nabi canke bakabahakanira n’agasuzuguro kenshi, ntimwibaze ko vyarangiriye ngaho. Ego hariho bamwe baziyumvira bakigarira nkumbure bakazihanishwa n’uwundi mukozi w’Imana. Niko vyagenze mu gihe ca Yesu. Abahereji b’i Yerusaremu basavye ko Pilato abamba Yesu, ariko Mpwemu Yera amaze kuza ku musi wa Pentekoti, bumvise inyigisho za Petero n’intumwa, benshi muri bo barihanye ndetse barabatizwa mw’izina rya Yesu bari bararwanije. Dusoma ngo: N’ukw’ijambo ry’Imana riragwira, abigishwa bararondoka cane i Yerusaremu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera (Ivyakozwe n’Intumwa 6: 7). Ariko rero siko bigenda kuri bose, hariho abahitamwo kugumana inzikira, kuko wavuze ijambo rigakora ku kigirwamana cabo. Paulo ni vyo vyari bigiye kumukorako, yahatiwe n’ubuntu bw’umwami Yesu. Maze haza Abayuda bavuye muri Antiyokiya no muri Ikoniyo; bamaze kwosha ishengero, batera amabuye Paulo bamukwegera inyuma y’igisagara bagira ngo yapfuye (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 19). 4258351620_883c493a2aAba bayuda baje bava muri Antiyokiya ni bamwe twiga mu vyigisho biheruka, bari bagiriye imigambi mibi Paulo. Ni muri Antiyokiya h’i Pisidiya hamwe Paulo na Barunaba bamara amasabato abiri, hanyuma kw’isabato igira kabiri hakorana nk’abo mu gisagara bose kwumva Ijambo ry’Imana. Ariko Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 44-45). Bumvise Paulo na Barunaba babaretse bakigendera kwigisha abapagani, babona ukuntu abapagani baryohewe n’Ijambo ry’Imana n’ukuntu igisagara cose citabiriye inzira y’Imana, bibarya mu nda cane. Dusoma ngo: Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana n’abakuru bo muri ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba babirukana mu ntara yabo. Nabo babakunkumurira umukungugu wabo ku birenge vyabo baja muri Ikoniyo (Ivyakozwe n’Intumwa 13: 50-51). Mu vyigisho biherutse twarabonye ko no muri Ikoniyo nyene ata mahoro bahagiriye. Bavuze amajambo atuma Abayuda  n’Abagriki benshi bizera. Ariko Abayuda banse kwumvira ivyo bavyura urwanko mu mitima yabo ngo bagirire nabi bene Data (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 1-2).

Ubwo barakomeje barigisha ataco batinya. Ariko abantu bo muri ico gisagara birem’ibice bamwe baherera ku bayuda abandi baherera ku ntumwa (Ivyakozwe n’intumwa 14: 4). Ubwo urumva nyene ko ar’intambara y’amadini yar’itanguye. Kuko Paulo bamwanka kuko azana idini rishasha rivuga ivy’agakiza kava muri Yesu, Abayuda nabo bagashaka ko abantu baguma mw’idini barazwe na basogokuru na ba sogokuruza. Ico kibazo muzokunda kucumva kenshi, abantu baragwanya inyigisho batarazumviriza canke ngo bazisome, ariko bakitwaza ngo n’uko zigomba kubakura mu vyo base na ba nyina babaraze. Aha murahitondera.  Paulo ivyo vyagira ngo bimuhitane. Kand’ abanyamahanga, bo n’Abayuda n’abashingantahe babo baja kubatera ngo babagirire nabi babicishe amabuye, barabimenya bahungira i Lustra ni Derube (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 4-6).  N’abo Bayuda rero bakurikiranye Intumwa bumvise ijambo ry’Imana ryakiriwe neza i Lustra, bava hariya muri Antiyokiya, bahitana abo muri Ikoniyo, ngabo baja kwosha ishengero  ry’i Lustra batera amabuye Paulo. Ishengero rivugwa hano n’ukuvuga abanyagihugu.

Imana dusaba s’ikigirwamana! Bamaze gutera amabuye Paulo, bamukwegera inyuma y’igisagara bagira ngo yapfyuye. Ariko abigishwa bahagaze bamukikije, aravyuka, aja mu gisagara; bukeye bw’aho avanayo na Barunaba, aja i Derube (Ivyakozwe n’intumwa 14: 20-21). Dukwiye kugira aka kamenyero keza ko gukikiza abariko baratembagazwaCPS%202004%20121 n’abanyamadini kubera ishari. Dukwiye kugwa munda abantu bakorer’Imana n’umutim’ukunze, ariko bagacuranguzwa kebera igikorwa c’Imana. Bizotuma Uhoraho abasubiza mwo intege, kandi ijambo ry’Imana ntirozogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo Uhoraho ashaka, rizosozera ico ryatumwe (Yesaya 55: 11). Paulo na Barunaba, bararamirije baja i Derube, barigisha bahindura benshi. Mbere baragarutse no muri vya bisagara vyavamwo Abayuda babagirira nabi, baca nyene i Lustra, Ikoniyo no muri Antiyokiya. Abakristu baho bari baraciwe ivutu n’ivyago Abayuda bateje Paulo na Barunaba. Ni naco catumye Paulo na Barunaba basubira inyuma ngo babaremeshe, babahanura ngo bagume mu kwizera, kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bwami bwo mw’ijuru. Kandi bamaze kubatorera abakuru mu mashengero yose, no gusenga bisonzesha, babaragiza umwami Yesu uwo bizeye (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 22-23). Ibi vyabereye icigwa gikomeye aba bakuru b’amashengero bashasha, kuko bari biboneye n’amaso yabo ubutwari bw’Intumwa bushingiye ku nkomezi ziva muri Yesu, babonye n’ukuntu ugusenga kw’abizera gufise umumaro, aho Paulo avyukiye bamaze kumutera amabuye.

Ewe musomyi, soma utegere! (Matayo 24: 15) Abantu batinya gukorer’Imana ngo vyobater’ubukeneIMG_6290, ngo vyohava bibatandukanya n’abagore babo, canke abagabo babo, ngo vyohava bibateranya n’abana babo, na bene wabo canke bashikibabo, incuti n’abagenzi, abategetsi b’igihugu canke b’idini, abo bantu baba bakorera umwami batazi!

Abigisha ijambo ry’Imana bakerekana imigisha gusa ntibabwire ababumva ko kuba umukristu ar’ukwinjira mu rugamba ndetse rishobora no kugutwara ubuzima, baba babahishije vyinshi.  Paulo na Barunaba bara bivuze neza batabihusha ngo: Dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bwami bwo mw’ijuru (Ivyakozwe n’intumwa 14: 23).

Ni waba ukorer’Imana vy’ukuri udakorera idini ryazanywe n’abantu, aya majambo azorangukira mu bugingo bwawe ngo: MW’ISI MUZOGIRA AMARUSHWA MESHI, ARIKO MUGUMYE UMUTIMA NATSINZ’ISI (Yahani 16: 33)

Publié dans:Non classé |on 21 février, 2011 |Pas de commentaires »

MUGUMY’UMUTIMA NATSINZ’ISI (4)

NATWE TUR’ABANTU BUNTU, TUMEZE NKAMWE, KANDI TUBABWIRA UBUTUMWA BWIZA (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 15)MUGUMY'UMUTIMA NATSINZ'ISI (4) Paul_and_Silas_to_jailer_90-380

Ariko intumwa, Barunaba na Paulo, bavyumvise, bitantamurira ko impuzu zabo, bitera mu bantu, basemerera, bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabwira ubutumwa bwiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose, ni yo yaretse amahanga yose mu bihe vyashize ngo bagendere mu nzira zabo. Ariko ntiyabarekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, avant+la+pluieibaha imvura iva mw’ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahaza ivyokurya, yuzuza imitima yanyu umunezero. Aho bavuga ayo majambo, hari hasigaye gatoya ngo ntibabe bakibuza ishengero kubacumitira ikimazi (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 15-18).

War’uzi ko Bibiliya ivuga ko Barunaba nawe aharurwa mu ntumwa? N’intumwa ikomeye, ndetse ni we yamenyereje Paulo ivyo gukorera ishengero ry’Umwami Yesu. Barunaba rero na Paulo bari bahunganye bari ngaho mu gisagara c’i Lustre nkuko twabivuze mu vyigisho biheruka. Twarabonye ukuntu abahereji b’ikigirwamana Zeusi na Hermes bazanye amapfizi n’imyishwa ngo bahe ibimazi imana zabo kuko bibaza ko arizo zikorera muri  Barunaba na Paulo. Ariko intumwa Barunaba na Paulo bavyumvise bitantamurirako impuzu, bitera mu bantu, barasemerera, bati yemwe mwa bagabo mwe ivyo mugira n’ibiki? Natwe tur’abantu buntu tumeze nkamwe, kandi tubabwira ubutumwa bwiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 14-15). Ubu butumwa bwiza buvuga ko ababa muri iyi si bakwiye gusenga Imana yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose, ni nabwo butumwa ishengero ry’Imana ryahawe muri iyi misi ya nyuma. Buravuga ngo: Kandi mbona marayika wundi aguruka yatiriye ijuru, afise ubutumwa bwiza butazoshira, bwo kubarira ababa kw’isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana muyihimbaze, kukw’igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko y’amazi (Ivyahishuwe 14: 6-7). Marayika avuzwe hano, ni wewe na jewe, kuko umumarayika n’ijambo ry’ikizungu risobanurwa ngo umushikirizabutumwa. Mur’ubwo butumwa nyene tugomba kwereka abantu baba muri iyi si ko Umuremyi wa vyose ar’umwe, ko tutagomba kumubangikanya n’ikigirwamana na kimwe. Nivyo bivugwa mw’itegeko rya kane ry’Imana muri ya yandi cumi ngo: Wibuke kuziririza umusi w’isabato.sabbath Mu misi itandatu uze ukore, abe ariyo ukoreramwo ibukorwa vyawe vyose, ariko umusi ugira indwi niwo sabato yanje jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo, wewe ubwawe, canke umuhungu wawe, canke umukobwa wawe, canke umugurano wawe,canke umuguranokazi wawe, canke inka yawe, canke uw’inyambukira ab’iwawe; kukw’imisi itandatu ariyo jewe Uhoraho naremeyemwo ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose nkaruhuka ku musi ugira indwi. book02Nico catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w’isabato nkaweza (Kuvayo 20: 8-11). Burya gukora kw’isabato, tuba turiko turihakana ko Imana ar’umuremyi wacu. Na none, kuruhuka kuri dimanche yazanywe n’abantu, tuba twereka Imana ko dukunda amadini yazanywe n’abantu gusumba ijambo ry’Imana Rurema. Sindiko ndavuga ko dimanche ata jambo ry’Imana rivugwa, ariko ikintu cose cashingiwe igihe caco kand’igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco (Umusiguzi 3:1).

Abayobozi b’amashengero y’iki gihe benshi bafise ingorane zo gushaka icubahiro n’ubutunzi. Babita ba Révérend, Excellence, n’ibindi bakwumva baryohewe. show-the-money-licensing-280Ndakubwiza ukuri ko 90% vy’abapasitori babonye bagiye kubacumitira ikimazi, rero ubu mu majambere y’iki gihe, bobazanira amabahasha y’amahera canke imivinyu, benshi bohita birukankana ayo mahera bati n’Imana ibahaye umugisha! Si ko biri rero, abantu bashaka gukora urudandazwa mu murimo w’Imana, ngo kubera ko yakoze iki agomba guhembwa kirya, nabo nyene n’amabingira mu ruhongore rw’Imana. Kuko abantu ben’abo binjiye mu ruhongore rw’Imana nk’impfyisi, ntibabihamagariwe, n’ibisuma n’abambuzi,PICT3561w%20-%20Hyene%20femelle%20avec%20une%20proie imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, nivyo bababaye (Abafilipi 3: 18). Ariko kwubaha Imana gufatanije n’ivyo ufise, kuvamwo inyungu nyinshi koko, kuko ataco twazanye mw’isi kandi ataco duhobora kuyikuramwo. Ariko iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubumvye, ariko abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyoha mbi no mu mitego no mu kwipfuza kwinshi k’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona, bikabarandura. 918187665399-dollars-euros-argent-monnaie-jpgKuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose, niyo bamwe bipfuje, bakazimira bata ukwizera, bitobekeranisha imibabaro myinshi (1Timoteyo 6: 6-10). Barunaba na Paulo bavuze bati: Ivyo mugira ngo mugire n’ibiki mwa bagabo mwe? Natwe tur’abantu nkamwe… Kandi ikigutangaza, bo nta n’itongo bari bafise, nta n’umushahara wundi bari bizeye, baronka utwo barya ar’uko hagize mwene Data abarwanako. Paulo we n’ubwo bakunze kuvuga ngo yar’atunzwe no kuboha amahema, Bibiliya ivuga ko yar’umuntu akunda gutanga. Amahera yaronka yayasangira na bene Data bakorana. Mbere nyuma yarahevye akazi kubera kugoberwa n’ijambo ry’Imana (Ivyakozwe n’intumwa 18: 5). Uwo murongo uvugwa muzindi ndimi ngo:  Maze Sila na Timoteyo bamanutse bavuye i Macedoniya, Paulo aca yirundurira mu gikorwa c’ijambo ry’Imana (muri Bibiliya y’ikirundi handitswe ngo:  »agoberwa n’ijambo ry’Imana »). Ni wasoma neza Ivyakozwe n’intumwa 18: 1-5, uzobona ko ivyo kujisha amahema vyarangiriye ngaho, ahandi hose Paulo yakorer’Imana bugaca bukira.

Genda rero namwe mwigishe abantu bareke kwiyubaha gusa,IMG_3759 ahubwo bubahe Imana yo itanga imvura n’izuba, igatanga inka n’imirima, Rugira rugirabavyeyi, n’ibibondo. PregnantWomanBirater’isoni imbere y’Imana n’abamarayika kubona abantu bayobowe n’inda zabo bigisha ubwoko bw’Imana ivyo kugarariza, bakababesha ngo dimanche niwo musi Yesu yahise mwo kugirango abakristu bawuruhukeko. Si vyo, si vyo, si vyo. Mu ntangiriro hose, Imana yahezagiye isabato iyiha umugisha (Itanguriro 2: 1-3). Isabato niyo yatanzwe mu mategeko cumi Kuvayo 20: 8-11) Niyo Yesu n’intumwa n’abahanuzi baruhutse (Luka 4: 16 na 23: 56) Niyo cibutso c’Imana umuremyi wa vyose (Kuvayo 20: 11). Sabbath%20School%20Member%204 Imana ntiyisubirako: Kukw’itigera yicuza ingabire zayo no guhamagara kwayo, iyo ihaye umugisha ikintu iba ikiwuhaye ibihe vyose (s0ma Abaroma 11: 29 na 1Ngoma 17: 27, na  Matayo 5: 17-19).

Nturabe ivyo bariko baraguhendesha ngo baguhe za cadeaux, ah’ubwo tabaranya vuba abo bantu ubakize bave mu vyaha vyabo.  Erega ngo Barunaba na Paulo aho bavuga ayo majambo, ngo hari hasigaye gatoya ngo ntibaba bakibuza ishengero kubacumitira ikimazi (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 18). Ariko bo ivyo bimazi sivyo bashaka, bari batewe imbabazi n’uko igisagara kigiye gupfira mu bujuju. Nuko mugende mwige iri jambo muritahure ngw’imbabazi nizo ngomba singomba ibimazi (Matayo 9: 13).

Iman’ibagirire neza mwese abasoma ubu butumwa bwiza, ku bwa Yesu-Kristu, Umwami wacu. Amen   

Publié dans:Non classé |on 17 février, 2011 |Pas de commentaires »

IGITERAMO CO GUSENGA KURI IYI SABATO YO KU WA 19/02/2011

Ushobora kugikurikirana ibiteramo vyose, kuva ku ca mbere, mu rusengero rwa PAROISSE TWIHANE kuri: http://urusengero.unblog.fr

INDIRIMBO ITANGURA 

Irembo ryuguruwe (Iyi ndirimbo iri mu kinyarwanda)

1. Har’irembo ryuguruwe ryatumye mpishurirwa

Umusaraba wa kure Yesu yatangiweho.

2. Irembo ryugururiwe abashaka agakiza

Ngw’abakire n’abakene bose barinyuremo

Icitabirizo:

Mbeg’ineza n’amahoro vyatumye nugururirwa,

nugururiwe, Iman’ihimbazweISENGESHO: Data mwiza udukunda, umpe kugubwa neza imbere yawe mur’aka kanya ngiye kugusenga no kwiga ijambo ryawe, mw’izina ryera rya Yesu. Amem.

TWICISHE BUGUFI IMBERE Y’UMUREMYI:

Ivyanditswe Vyera nta na hamwe vyigisha ko umunyavyaha akwiye kuva mu vyaha imbere yo kwitaba ubutumire bwa Kristu ngo: Ni muze mwebwe mwese abarushe n’abaremerewe ndabaruhurira (Matayo 11: 28). Ukwihana vy’ukuri n’ingabirano duhabwa n’urukundo rwa Kristu. Mwebwe mumaze kuduhirwa n’uwu muruho w’isi mukaba mushaka ahandi heza atar’aha mw’isi, mumenye ko ar’ijwi ry’Imana ririko rirabahamagara rivugira mu mitima yanyu. Nimusabe iyo Mana ibereke uko mwova mu vyaha vy’ukuri, ibahishure urukundo rw’agahebuza rwa Yesu, rutagira agatosi.

TWIGE IJAMBO RY’IMANA:

Isah’imwe yo mu Vyahishuwe 14: 7

Avuga n’ijwi rirenga ati; Mwubah’Imana muyihimbaze, kukw’igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ibiyaga n’amasoko y’amaziIGITERAMO CO GUSENGA KURI IYI SABATO YO KU WA 19/02/2011 3645020-chute-d-39-eau-de-source-naturelle (Ivyahishuwe 14: 7). 

                                                                                                                                                                    

Aya niyo majambo atangura ubutumwa bw’abamarayika batatu bo mu Vyahishuwe 14: 1-13)vlcsnap-2009-11-12-15h22m09s4. Niyo majambo yuzuyemwo inkuru nziza dutegerezwa kuja kubwira ababa muri iyi si bose, cane cane muri iyi misi ya nyuma. Intumwa Paulo nawe yakoresheje amajambo asa n’ayo, mu kwibaza ko vuba Yesu ashobora kugaruka, abantu bataramenya guha icubahiro Imana. Dukwiye kubwira abantu baba muri iyi si nka Paulo tuti: Natwe tur’abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabwira ubutumwa bwiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose, niyo yaretse amahanga yose mu bihe vyahise ngo bagendere mu nzira zabo.PictPaulApostleElGreco Ariko ntiyabarekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw’ijuru, ibihe vy’ivyimburo (umusaruro) vyiza, ibaha ivyo kurya, yuzuza imitima yabo umunezero (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 15-17). Aka kajambo ngo tur’abantu buntu, tur’abantu nkamwe, gakwiye kudutera umunezero. Ni mwiyumvire namwe: Bibliya yerekana ko ico gihe co guca amateka kw’imana kizotangazwa n’umumarayika wa mbere muri ba bamarayika batatu bavuga ubutumwa buheruka. Nkuko intumwa Paulo yabuvuze ar’umuntu buntu, no muri ibi bihe vyo hanyuma bizovugwa n’abantu buntu. S’umumarayika w’amababa azobuvuga. Ni wewe nanje tuzobuvuga. Kuko umumarayika, n’ijambo ryitwa angelo, ryo mundimi z’ikizungu rivuga ngo:  »intumwa ».bf-2009-evangelisation-de-q Guterwa iteka ryo gukorer’Imana muri ibi bihe vya nyuma, n’umugisha ubonwa na bake. Ariho n’agateka gahambaye. No muguhembwa, abakozi b’Imana bakora mur’iyi misi ya nyuma, nibo bazobanza kwegera, bakaronka agashimwe imbere y’abasokuruza n’abahanuzi n’intumwa. Kuko ubutumwa bwiza twahawe kuvuga ntibwibesha buvuga ngo: Hamagara abakozi, ubagerere ingero zabo, utangurire mubo hanyuma gushitsa kuba mbere (Matayo 20:8)

Ndibaza ko nkumbure mutabona aho nakuye igitekerezo c’isaha mur’uwo murongo wo mu Vyahishuwe 14: 7. Ariko iyo usomye iri jambo ngo: kuko igihe c’amateka yayo gishitse, burya iryo jambo ngo igihe, rivuga ngo isaha mu zindi ndimi. Muri Bibliya y’igiswahili dusoma ngo: Akasema kwa sauti kubwa, ‘‘Mcheni Mungu na kumtukuza, kwa maana saa ya hukumu yake imewadia. Mwabuduni Yeye aliyeziumba mbingu, dunia, bahari na chemchemi za maji.’’ Mu gifransa handitwse ngo: Il disait d’une voix forte : Craignez Dieu, et donnez-lui gloire, car l’heure de son jugement est venue ; et adorez celui qui a fait le ciel, et la terre, et la mer, et les sources d’eaux.

Tuve hasi tubuvuge rero, ni twebwe dutumwe. Ibihembo birateguwe, tuzohembwa ubwa mbere. Turahiriwe!

GUSHIGIKIRA IGIKORWA C’IMANA

Ni waba ubona ko iki gikorwa gikwiye gushigikirwa: Soma muri Bibliya yawe 2Abakorinto 9: 7.

INDIRIMBO IHERUKA:

Ndons’incuti nkunda cane ,Yarankunze ntayizi

Yamfatishij’umugozi ni wo rukundo rwayo

Nkund’izo ngoyi zangize imbohe y’umukiza

Nd’uwiwe nawe n’uwanje, kugez’ibihe vyose.

ISENGESHO RIHERUKA:

N’uko Mwami umpe umugisha wawe, unyigishe kukwubaha muri vyose guhera uwu musi, naho nyene vyoba biteye ingorane, unyigishe kwihangana ku bwa Yesu-Kristu Umwami wacu. Amen.

ITANGAZO RYO KUBIKA:

Turi n’umubabaro mwinshi mu kubamenyesha ko wa mwana wacu yar’arwariye mu bitaro i Bujumbura yacikanye ku musi wa 5 w’isabato, igenekerezo rya 17 Ruhuhuma /Gashyantare. Ivyerekeye kumushingura vyabereye mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Muzinda ku musi wa 6 w’isabato, inyuma y’amasengesho. Ijambo ryahavugiwe tuzoribashikiriza ni twaribona.

Publié dans:Non classé |on 11 février, 2011 |Pas de commentaires »

URUSENGERO RWA PAROISSE TWIHANE KURI INTERNET.

 USHAKA KWINJIRA MU RUSENGERO, FYONDA KURI http://urusengero.unblog.fr

Mwagendeye Paroisse Twihane muri benshi cane kuva dutangura iki gikorwa, kw’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2009. Tumaze kuronka abashitsi ibihumbi cumi na bitatu n’amajana atandatu na mironwitandatu na bane (13. 664). Muri bo harimwo ibihumbi bitanu n’amajana abiri na mirongw’ibiri n’umunani basoma kandi biga Bibiliya bashize ko umwete.URUSENGERO RWA PAROISSE TWIHANE KURI INTERNET. Warrior%20Creek%20Baptist%20ChurchTwibajije rero ko vyoba vyiza dupfunguye urusengero rwamaho, kugira ngo ku masabato no ku cumweru, mugashobora gukurikira iteraniro ryo gusenga nko ku yandi maparoisse. Tuzifashisha za video, tuzoshira mwo amasengesho, ibice vy’amajambo yo muri Bibiliya, kandi hazobamwo n’indirimbo zo gutazira Imana.

Muzobaza ibibazo kuri Paroisse yanyu, kandi tuzogerageza hamwe kubitorera inyishu. Ku bari mu Burundi, canke abashoboye kuhashika, ndabibutsa ko Paroisse Twihane yatanguye gupfungura amashengero yo kwiga Bibiliya yitwa ABASOMYI. Ayo mashengero yitwa mu mfunyapfuyo zo mururimi rw’igifransa  A. L. B. n’ukuvuga Association des Lecteurs de la Bible. Ni waba ukeneye kumenya ibindi bisobanuro bikwiye kur’ayo mashengero, hamagara kuri 79321090.

Nzokwongera kumukoraniriza abandi, ukuye abiwe bari bamaze gukoranywa (Yesaya 56: 8)

Publié dans:Non classé |on 9 février, 2011 |1 Commentaire »

PAROISSE TWIHANE IRAMAZE IMYAKA IBIRI KURI INTERNET

Iyo Mana musenga mutayizi niyo mbabarira (Ivyakozwe n’Intumwa 17: 23). PAROISSE TWIHANE IRAMAZE IMYAKA IBIRI KURI INTERNET Warrior%20Creek%20Baptist%20Church

WAR’UZI KO UWU MUSI, KW’IGENEKEREZO RYA 09 RUHUHUMA, KO PAROISSE TWIHANE IMAZE IMYAKA IBIRI YUZUYE NEZA KURI INTENET?

Muri iyi myaka ibiri, kuri Paroisse Twihane kuri internet, twagendewe n’abashitsi 13. 664. Muri bo harimwo 5.228 basoma kandi biga Bibliya bashizeko umwete. Muri iyi misi indwi ishize, twagendewe n’abantu 719, muribo harimwo 309, bafashe umwanya wo gusoma ivyigisho.

Mu guhimbaza iyi myaka ibiri tumaze, twemereye agashimwe uwuzokwandika ubwambere ivyo yibaza n’ivyo yipfuriza iki gikorwa c’Imana, muri urya mwanya wagenewe za commentaires. Ni waba udashaka gusiga imyirondoro yawe kuri site, sigaho commentaire, hanyuma adresse uzirungike kuri iyi e. mail: paroissetwihane@yahoo.fr. Agashimwe kawe kazogushikira aho uzoba uri hose. Tubaye turagushimira.

Ikindi, tugiye gutangura umwaka ugira gatatu mu gushira urusengero rwacu kuri internet. Iyi nkuru mushobora kuyisoma kuri page yitwa: URUSENGERO RWA PAROISSE TWIHANE KURI INTERNET.

Ni muhimbazanye nanje Uhoraho, dushire hejuru izina ryiwe (Zaburi 34: 3)

Ubuyobozi bwa Paroisse Twihane

Publié dans:Non classé |on 9 février, 2011 |Pas de commentaires »

MUGUMY’UMUTIMA NATSINZ’ISI (3)

MUGUMY’UMUTIMA NATSINZ’ISI (3)MUGUMY’UMUTIMA NATSINZ’ISI (3) N8MZF00Z

I Lustre har’umugabo yar’afise ibirenge vyaremaye kuva akivuka, ntiyari yarigeze atambuka. Uwo yumva paulo avuga, nawe amuhanze amaso abona ko afise uwizera kwo gukizwa. Avuga n’ijwi rirenga ati: Hagarara n’ibirenge vyawe, ugororoke. Arabaduka, aratambuka. Maze ishengero ribonye ico Paulo akoze, bavuga n’ijwi rirenga mu rurimi rwo muri Licaoniya bati: imana zitumanukiyemwo zishushanije mu bantu Barunaba bamwita Zeus, Paulo nawe bakamwita Hermes, kuko ariwe yar’imvuzi. Maze umuherezi wa Zeusi, ingorp y’igitabo cayo yari imbere y’igisagara, azana amapfizi n’imyishwa, agira acumite ikimazi we n’ishengero (Ivyakozwe n’Intumwa 14: 8-13).

Icigisho c’uyu musi n’inkuru nziza isubizamwo intege abantu bigeze guhunga bakavugira ubutumwa bwiza aho bahungiye. Paulo na Barunaba nabo bahungiye i Lustre mu gihe Abayuda bashaka kubagirira nabi muri Ikoniyo, ariko bageze i Lustre, Imana ibakoresha igikorwa cayo nka mbere. Paulo yakijije uwu mugabo w’ikirema, bituma abasaserdoti b’imana z’inyamahanga bishima, baza kuziha ibimazi nk’aho arizo zoba zikoresheje Paulo ivyo. Ntugire ngo biroroshe kwumvisha abantu ko bihenda, mu gihe bishimiye aboyobozi b’idini ryabo. Ariko ivyo vya Zeusi na Hermes ntaco vyari bivuze, kuko s’Imana z’ukuri. Ni nkuko twovuga mu kirundi no mu kinyarwanda, vya Kiranga na Ryangombe. Ntaho bitaniye n’amashusho canke ibikoresho biboneka mu madini amw’amwe. Barabitinya, bakavuga ko umukuru w’idini kanaka yabihezagiye, ariko ivyo bintu iyo ubiravye, ukaba warabanye n’Imana y’ukuri yaremye ijuru n’isi n’ibiyaga, usanga ah’ubwo wotwenga ukeguka!!! Ewe mwana w’umuntu, ewe murundi wa mirundi ibiri, nawe munyarwanda ushobora gusoma aya majambo, ngufitiye inkuru nziza: Imana yacu iri mw’ijuru, ikora ivyo yishakiye vyose. Ivyo bigirwamana vyabo n’ifeza n’izahabu (n’ibumba n’ibiti n’amabuye,n’ibitambara vy’impuzu), vyakozwe n’amaboko y’abantu. Bifise akanwa ntibivuga, bifise amaso ntibibona,2009-refugee-camp bifise amatwi ntivyumva, bifise amazuru ntibimoterwa, bifise intoke ntaco bikorakora, bikagira ibirenge ariko ntibitambuka, kandi ntibivugisha imihogo yavyo. Ababikora bose bazomera nkavyo, mbere n’abavyizigira bose ni ko bazomera (Zaburi 115: 3-8). Ben’ivyo bishushanyo bisa n’ibikanganyoni bashinga mu mirima bitazi kuvuga, barinda kubiterura kuko ntivyoshobora gutambuka. Ntimukabitinye, kuko bidashobora gukora ikibi canke iciza (Yeremiya 10: 5).

Ijambo ry’Imana ntiryibesha, n’aho benshi bashira ivyizigiro vyabo mu mashusho no mu bindi bintu, arya mashusho akozwe mu biti canke mw’ibumba nta na kimwe ashobora kutumaririra naho yoba yahezagiwe na bariya bantu nyene twita ngo ni bakuru. Ndakubaza, kandi n’ijambo ry’Imana rirakubaza. argile1None ugiye mu kabande, ugakura ibumba mu nganzo, noneho igipande kimwe c’ibumba ukakibumba mwo inkono, ikindi ukakibumbamwomodelage igikombe, ikindi ukakibumbamwo isahani, ikindi ukakibumbamwo ishusho y’umuntu, ukayihagarika mu nzu y’ibigrwamana canke muri salon yawe, ukacikubit imbere uti : Nkiza ni wewe muvyeyi wanje, ntiwumva ko uba utakiri mu murongo w’ijambo ry’Imana? Bamwe bati Oya kiratwibutsa gusa ko dufise uwutuvugira mw’ijuru! Ariko ijambo ry’Imana ryo rivuga ko ar’igikanganyoni, kuko uwukuvugir mw’ijuru ni Yesu gusa. Kuko har’Iman’imwe, kandi har’umuhuza umwe w’Imana n’abantu, nawe nyene n’umuntu, ni Kristu Yesu (1Timoteyo 2: 5). Kristu…, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen (Abaroma 9: 5). Ni baba barakwijeje ibitangaza, ngo hariho uwundi muntu mw’ijuru agusengera, ngo nkumbure yoba asa n »irya shusho canke karya gasanamu, barakubeshe! Kuko har’iman’imwe, kandi har’umuhuza umwe w’Imana n’abantu.jesus-praying Ushobora kuba warumvise canke warabonye abantu baza bavugako bavuye mw’ijuru, bagakora n’ibitangaza, bivugisha neza! Uritonda! Kand’ivyo ntibitangaza kuko na Satani ubwiwe yigira umumarayika w’umuco (2Abakorinto 11: 14). Ariko naho yoba ari twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, akababarira ubutumwa bunyuranye n’ubwo twababariye, arakavumwa (Abagalatiya 1: 8)

Nta kintu rero c’ikibumbano cogereranywa na Kristu. Kuko nawe ubwiwe arabaza ati: Ninde ahwanye nanje? Umubaji aramvura umugozi ku giti akahacisha ikaramu, akakibaza n’imbazo, akagipimisha imetero, akakibaza mw’ishusho y’umuntu, kikagira akaranga nk’ak’uk’umuntu kugirango bagishire mu nzu. Igihimba ca ca giti agicanisha umuriro, ikindi gihimba akagitekesh’ inyama, 553ee7bc5a50561a2a542c0d91c4_grandeizindi akazitara akarya agahaga, mbere akota akavuga ati: Ha, ha, nshize imbeho! Mbonye umuriro! Maz’igisigaye akagihindura ikigirwamana, kand’ar’igishushanyo ciwe yibaziye, akacikubita imbere akagisenga, akacambaza, ati: Nkiza kuko ur’Imana yanje. Ntaco bazi, kandi ntaco biyumvira, kuko amaso yabo yahumye ngo ntibashobore kubona, n’imitima yabo ngo ntibashobore gutahura. Erega nta wibuka ngo atahure, ngo avuge at’igihimba caco nagicanishije umuriro, nacumvye umutsima ku makara yaco, ntara n’inyama ndazirya, mbeg’igisigaye nogikoramwo ikintu nk’ico c’ubuyobe? Mbega nokwikubita imbere y’ingiga y’igiti? Ushima umunyota gusa, umutima wiwe uba wacuramye, bituma adashobora gukiza ubugingo bwiwe ngw’aruhe yibaza ati: Ubwo iki kintu ntengatiye mu kuryo kwanje, ubwo s’ikinyoma? (Yesaya 44: 7,  13, 16-20).

Mwirinde kwihumanya mu kuvugira amasengesho imbere y’ibishusho vyakozwe n’abantu. Mwirinde no kwinjira mu nsengero z’ibigirwamana. Kand’urusengero rw’Imana ruhuza rute n’urw’ibigirwamana? (2Abakorinto 6: 16). Hitamwo gukorera mu bigirwamana, canke kugendana n’Imana y’ukuri.  Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami  wacu, no ku gikombe c’abadayimoni: ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni (1Abakirinto 10: 21).

Mugire amahoro rero, murwane mutsinda. Umwami yaradutsindiye!

Publié dans:Non classé |on 8 février, 2011 |Pas de commentaires »
12

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire