Archive pour janvier, 2011

IKIGIRWAMANA C’IKIMASA C’INZAHABU N’INKURIKIZI ZACO (6)

NINDE ARI KU RUHANDE RW’UHORAHO?

Maze Mose abaza Aroni ati: Mbega aba bantu bakugize bate catumye ubazana ko icaha kingana girtyo? IKIGIRWAMANA C'IKIMASA C'INZAHABU N'INKURIKIZI ZACO (6) 4405482080_a365ef9fa5Aroni aramwishura ati: Uburake bwawe bwoye kuziriringa mwami wanje! Urazi aba abantu ingene bamogoreye mu bibi: kuko bambariye bati n’udukorere imana yo kutuj’imbere, bati Kuko umwe Mose yadukura mu gihugu ca Egiputa tutazi uko yabaye. Nanje ndabishura nti uri n’inzahabu wese n’ayikwature, n’uko barazimpa nziterera mu muriro havamwo ico kimasa. Maze Mose abonye ko abantu birekuriye mu buyobe kuko Aroni yabakundiye kwirekurira muri bwo, bagahinduka agatwengo ku bansi babo, ahagarara mw’ishikiro ry’aho bashagaje aravuga ati: NINDE ARI KU RUHANDE RW’UHORAHO? N’aze hano aho ndi. Abalewi bose bakoranira aho ari. Arababwira ati Uko ni kwo Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngo ni muhagatire inkota zanyu mwese, mukwiragire hose aho dushagaje, muhere ku ruhande rumwe mushikane ku rundi, umuntu wese yice mwene wabo na mugenzi we n’umubanyi wiwe. Abalewi babigenza nkuko Mose yavuze. Kur’uwo musi mu bantu hapfamwo nk’ibihumbi bitatu. Maze arababwira ati Uwu musi mwiyeguriye igikorwa c’Uhoraho kuko atawarenganye umwana wiwe canke mwene wabo, ivyo bitumye Uhoraho abaha umugisha uwu musi (Kuvayo 32: 21-29)

Aya majambo Aroni yishuye Mose arashaka gusa n’ayo Adamu na Heva bishuye Imana igihe yabagiriza icaha bakoze. Aroni ati: Urazi aba bantu ingene bamogo reye mu bibi (Kuvayo 32: 22). Agiye kurangiza kwiregura, aravuga ngo bagize bati Kuko Umwe Mose yagukura mu guhugu caEgipita tutazi uko yabaye (Kuvayo 32: 23). mosesIyo uravye neza aya majambo, usanga Aroni yashatse kwerekana ko yari yahawe ubutware atabushoboye, kuko Mose yari yamusigaranye abantu b’intagondwa. Atinya ko bohava bamugirira nabi, yemera gushira iyo bashize. Mu kwumvisha Mose ko ivyo vyatewe n’uko batari bazi ico Mose yabaye, biraboneka ko yashatse nko kuvuga ko na Mose yabigizemwo uruhara kuko yatevye ku musozi ariko araganira n’Imana. Naho abantu boba barabivuze gurtyo, yategerezwa kubigisha kwihangana kuko Mpwemu w’Imana ya Mose yarikumwe nawe mu gikorwa ciwe.

Bayobozi b’amashengero, bantu muhagarariye abandi mu bwoko bw’Imana, mu  mu kazi, mu rugo rwawe, no mu mabanga yariyo yose,  muragabe! Ni waba waremeye kwitwa umuyobozi, ukaba ubona ko udashobora guhangana n’ingorane utewe n’abo uhagaririye canke ingorane iz’arizo zose zivuye mu mabanga washinzwe, ivyokubera vyiza n’uko wotanga imihoho, ico kibanza kigasubiramwo uwukibereye. Ni wewe ntwazangabo, ntushobora guca bugufi imbere y’induru z’abantu, gushika aho wica amasezerano y’Imana. Aravumwe, uwanjanjwa ku gikorwa c’Uhoraho (Yeremiya 48: 10).

Si ngombwa ngo wemere inama abantu bakugiriye zose.PaulsenToursHaiti246-thumb-246x165-2867 Ukeneye gusenga, ukabaza ijambo ry’Imana, wasanga ivyavuye mu cegeranyo c’Inama ntibihuje n’ivyo Uhoraho asaba mw’ijambo ryayo, ukabihakana Ni vyaba ngombwa bapfume bagushira hanze, ariko ntugahemuke. Kuko abakoze neza ico gikorw c’ibanga ryabo, bironkera igishingo ciza no gushinga intahe badatinya na gato mu kwizera Yesu-Kristu (1Timoteyo 3: 13). Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza,kuko ni yamara kurama azokwambikwa urugori rw’ubuzima, irwo Imana yemereye abayikunda. Erega abihanganye tubita abahirwe (Yakobo 1: 12; 5: 11).

Raba umwami Yesu agiye kuza, kandi ijambo ryiwe rivugira mu bakozi biwe ngo: NINDE ARI KURUHANDE RW’UHORAHO?56382587 Dutegerezwa gufata inkota y’Uhoraho tukayikubitisha abantu bose bataye isezerano bagasubira mu bigirwamana vy’isi, n’aho boba abahungu n’abakobwa bacu, abagenzi bacu canke ababanyi bacu. Nico gikorwa ciza Abalewi bakoze nkuko Mose yabategetse. None wewe na jewe, inkota dushobora kwicisha abansi b’Imana n’iyihe? N’IJAMBO RY’IMANA. Kukw’Ijambo ry’Imana ari rizima, rirabangutse, 71154799rifise ubugi buruta ubw’inkota zose, rikinjira gushika naho ritanya ubugingo n’umushaha, rigatanya ingingo n’musokoro, risuzuma imigambi n’imigabo yo mu mutima (Abahebrayo 4: 12).

Abarwana urugamba rw’Uhoraho mur’ubwo buryo badatinya ngo kanaka yohava uturaba nabi, bakavuga ijambo ry’Imana batarya umunwa, bzobona umugisha w’Uhoraho. Aya majambo ya Mose nico avuga ngo: Uyu musi mwiyeguriye igikorwa c’Uhoraho, kuko atawarenganye umwana wiwe, canke mwene wabo, ivyo bitumye Uhoraho abaha umugisha (Kuvayo 32: 29).

Bibiliya ntidutumye kuja gusogotana inkota. Dukwiye gufata amajambo y’Imana mu buryo bw’impwemu, nico twita kwiga ubuhanuzi. 2158928Ntitwahawe impwemu y’iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugirango tumenye ivyo Imana yatugabiye. Navyo nyene turabivuga, ariko ntitubivuga mu majambo yigishwa n’ubwenge bw’abantu, ariko tubivuga mu majambo yigishwa na Mpwemu, tugereranya ivy’impwemu n’ivy’impwemu bindi (1Abakorinto 2: 12-12)

Bantu b’Imana, none se mwumva mukenyereye urugamba? Bibiliya yawe ni yo kurwanisho! Iman’ibahe gutsinda no kugarura benshi mu ruhande rwayo, mw’izina ryera rysa Yesu Amen.

Publié dans:Non classé |on 31 janvier, 2011 |Pas de commentaires »

ABANYAGIRWA N’IMVURA Y’UHORAHO BAKWIYE KWIRINDA GUFATA IMITAKA

 IMVURA YO MW’IJURUABANYAGIRWA N'IMVURA Y'UHORAHO BAKWIYE KWIRINDA GUFATA IMITAKA pluie-299447

Azomanuka nk’imvura igwa ku vyatsi bitemwe nk’imvura y’umuvuvu itosa isi (Zaburi 72: 6)

Har’ikintu dukeneye muri Afrika yacu cane cane mu bihugu vyacu vyo mu Biyaga binini. Har’igihe uraba umuntu, ugasanga asigaye arushwa ubwitonzi n’ibikoko vyo mw’ishamba, ukibaza uti, mbese urya muntu ubwo yoba agishobora gukizwa? Bisa niyo uravye ivyatsi mu nyovu no mu birira mu gihe co muci iyo imvura yanse kugwa, hamwe usigara ukandagira hasi ugasha (ababa mw’isi y’umusenyi barazi ivyo mvuga). Iyo itaguye biruma bikagirira. Iyo bimeze birtyo, biraboneka ko ubushobozi bw’umuntu ataco bushobora gukora. Haba hakeneye ko Umushoboravyose atugwanako akaduha imvura.

Yesu yaravuze ati: Ko nababwiye ivy’isi ntimwemere, none muzokwemera gute ni nababwira ivy’ijuru (Yohani 3: 12). Igituma Imana yashatse ko umwaka w’abarimyi (abahinzi) utangura mu gatasi (ku muhindo), kwar’ukugira ngo atwerekeko nako imitima yacu yoba yumye rwose yaragadutse nk’isi yo mu ci, 02058_WheatHarvest2009CimarronCo_2canke ubunyovu bwo muri Nyakanga, naho twoba twaraturiwe (twaratwitswe) nk’umuyonga, Uhoraho ashobora kudusubiza mwo intege, akaduka ubuzima tukaba bashasha. Kukw’Imana, harah’ivuga mu buryo bumwe, har’ivuga mu bundi, naho umuntu abifata minenerwe (Yobu 33 14).  Wumva wifuza kuba umugabo mushasha mu rugo rwawe? Wumva wipfuza kuba umupfasoni w’ukuri mu nzu yawe? Wumva wipfuza kuba umusore canke umukobwa w’akarorero? simphiwe-dana-01_full_lWumva wipfuza kuba umuntu mushasha hagati y’abo bantu mugendana? Ijambo ry’Imana rirakwinginga riti: Uhoraho abe ariwe musaba imvura ngw’igwe mu gihe c’itasura, muyisabe Uhoraho arema imiravyo, nawe azobaha imvura y’umuvuvu, umuntu wese amumereze imirima (Zekariya 10: 1). Ingorane  dufise n’uko kenshi Uhoraho arungika imvura yiwe mu bugingo bwacu, mu gihe yabonye ko tuyikeneye koko, noneho tugafata imitaka ngo ntitunyagirwe. Erega iyo Ijambo ry’Imana rigwiriye mu gihugu, umunyavyaha agahitamwo gupfunga amatwi, aba ameze nk’umuntu afata umutaka mu gihe c’imvura y’amahoro ngo ntihagire n’ima (igitonyanga) rimukorokera ko. Turakeneye kunyagirwa n’imvura y’amahoro iva mw’ijuru, ndetse ikatunyagira imisi yose, kugira ngo tuve mu bubi bwacu, tubashe kugira imitima mishasha ishobora kumeramwo ivyatsi vyiza bishimisha umwami Yesu. Turakeneye ko Uhoraho atuvubira imvura yo mw’ijuru, ya mvura ituma isi yumye itangura kubomba ikamera ivyatsi bitotahaye, 15780524ya mvura igwa mu muyonga waturiwe mu ci, mu kanya gato, ugasanga mu bunyovu hose hahindutse itoto. Abayoboye igihugu c’Imana barakeneye iyo mvura, ari mu ntwaro canke mu mashengero. Abagabo n’abagore barayikeneye, imisore n’inkumi barayikeneye. Enda ni muze twitature niko Uhoraho agize, naho ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwere derere nka shelegi, n’aho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubwoya bw’intama (Yesaya 1: 18).1congo_prayer Ivyiyumviro war’ufise mu mutwe mu masaha 24 aheze, wumva bisa n’ibivuye mu mutima w’umuntu yakiriye imvura y’amahoro iva ku ntebe y’Imana? None wumva wohindura iki? Ndakwinginze wemere aya majambo atangure kurema ibicu vy’imvura y’Imana mu mutima wawe, kugira ngo aya masezerano y’Imana arangukire mu bugingo bwawe mur’aka kanya, ngo:2010-11-07-16-42-09 Azomanuka nk’imvura igwa ku vyatsi bitemwe, nk’imvura y’umuvuvu itosa isi (Zaburi 72: 6).

Publié dans:Non classé |on 30 janvier, 2011 |Pas de commentaires »

EJO UZOBA UMUSI WO KURUHUKA W’ISABATO (Kuvayo 16: 23)

 Ijambo ry’Imana rivugira mu ntumwa Paulo ngo:

Gukebwa ntaco kumaze, no kudaEJO UZOBA UMUSI WO KURUHUKA W'ISABATO (Kuvayo 16: 23)kebwa ntaco kumaze, ariko ikigira ico kimaze, n’ukwitondera amategeko y’Imana. Ku musi w’isabato turenga irembo ry’igisagara (umujyi), tuja ku ruzi, dukeka ko hoba aho basengera (1Abakorinto 7: 19; Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13)

Twirinde gukoresha izina rya Yesu hamwe n’irya Paulo mu kwigisha ivyo kugarariza (kugomera) amategeko y’Imana. Yesu na Paulo ni bamwe rwose. Ivyo guhindura isabato gushika aho umusi wa mbere w’imisi indwi  witwa umusi w’ikiruhuko ntivyavuye muri Mpwemu Yera (Mutima Mweranda) wa Yesu na Paulo. Vyavuye mu mutware w’umwijima, umwami  w’abaganza ikirere niwe Mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa (Abefeso 2: 2).

Umuhanuzi Daniyeli yareretswe neza ukuntu iyo mpwemu mbi izokwigisha ikinyoma iciye mu muntu w’umunyacubahiro akoreshwa nayo ngo: Iman’isumba vyose azoyivugako amajambo yo kuyisuzuguza. Azoj’imigabo yo guhindura ibihe n’amategeko (Daniyeli 7: 25)

Nta kuyisuzuguza kuruta kwigisha kureka itegeko ry’Imana, tukigishwa kwemera itegeko rya gipagani ryazanywe n’abantu! Ariko umuntu afise icubahiro ntagire ubwenge, ameze nk’inyamaswa zipfa gusa (Zaburi 49: 20). Erega kwubaha Uhoraho niryo tanguriro ryo kumenya, ariko ibipfu bikengera ubwenge n’inyigisho (Imigani 1: 7). Kandi rero biragoye n’ukugirango umuntu abitahure atabihawe n’Uhoraho, kuko umubeshi nawe akoresha akarimi keza ngo yikumakumireko amahanga. image_5517Abakor’ibibi vyo kugwanya isezerano, azobazimirisha (azobayobya akoresheje) akarimi keza, ariko abantu bazi Imana yabo bazoshikama bakore 0ibikomeye, kand’abanyabwenge bo mu bantu bazigisha benshi (Daniyeli 11: 32-33). Kristu yabambwe ku musaraba azize ibicumuro vyacu. Igicumuro n’ukurenga itegeko (1Yohani 3: 4). Amategeko cumi yanditswe n’urutoke rw’Imana ku bisate bibiri vy’amabuye, niyo arimwo isabato igaruka buri ndwi (buri cumweru) (Kuvayo 31: 18 na 34: 28). Yama ahishijwe mw’isandugu ry’isezerano imbere (Kuvayo 25: 16). Umusaraba wa Kristu niwo ushimangira ayo mategeko arimwo isabato hagati na hagati. Kuko iyo abantu bayakomeza, Kristu ntiyari gupfa urupfu rw’ibivume ku musaraba.  Ntagereranywa n’amategeko ya Mose kuko ayo yandikishijwe ikaramu rya  Mose. Kandi amategeko ya Mose yaguma hanze ntiyigera yinjira mw’isandugu ry’isezerano (Gusubira mu Vyagezwe 31: 26).lesson06-04

 Guteg’amatwi abantu bigisha ko amategeko yahindutse, bakavuga ko isabato yasubiriwe na dimanche n’ukuzimira rwose (n’ukuyoba). Mbese none Kristu ntiyatwihanikirije ati: Ntimugire ngo naje gusenyura amategeko canke amajambo y’abavugishwa n’Imana. Sinaje kuyasenyura naje kuyashitsa. Ndababwira ukuri, gushika aho ijuru n’isi bizoviraho nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizova ku mategeko, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa. N’uko uwuzorenga ibwirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abandi ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Ariko uwuyitondera akayigisha iyo azokwitwa mukuru (Matayo 5: 17-19). artimage_428707_2911907_20100902162768 None ko tugira ngo Kristu yaje gusenyura amategeko,kandi ari vyo nyene atwihaniza? Mbese ko yaje kubishitsa, kuki tweho dutinya kubishitsa, tukabikwepa tukaja kwihisha muri za doctrines zadutse vuba? Ko yavuze ko bizomara imyaka nk’iyo ijuru n’isi bizomara, har’aho murabona ko ijuru n’isi vyavuyeho? Abakwigisha kurenga itegeko ry’Imana ngo n’uko ryoroshe, burya bazokubera abaavocat imbere y’intebe y’imanza? No kuba uwa nyuma mu bwami bw’ijuru ntugire ngo n’umunyenga. Kuko abazitwa abanyuma, nibo bazobwirwa ngo: Ni mumve i ruhande mwa bivume mwe muje mu muriro utazima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe (Matayo 25: 41). Imbere yo gukurikira ivy’abantu bigisha urabanza wibaze, ntuze ubone ibiguruka ngo uguruke nka vyo!

Umusi w’Imana twahawe na Data, ari nawo Kristu yubashe akawuhimbaza n’isabato yo ku musi w’indwi (samedi) (soma Luka 4: 16).  lesson07-08Isabato nico kimenyetso cerekana abantu b’Imana n’abatari bo, kuko Uhoraho yivugiye ati: Mweze amasabato yanje abe ikimenyetso hagati yanje namwe, kugirango mumenye yuko jewe nd’Uhoraho Imana yanyu (Ezekiyeli 20: 20) Magomeni+SDA+ChoirNico kimenyetso umumarayika yipfuza kudoma ku ruhanga rw’abasavyi (abagaragu) b’Imana bose imbere y’uko ivyago vya nyuma vyisuka ku bantu baba muri iyi si, kuko avuga ngo: Ntimugire ico mugira isi canke ikiyaga cank’ibiti, tutaradoma ikimenyetso mu ruhanga rw’abagurano b’Imana yacu. Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, abantu bafise ikimenyetso ca cagikoko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi ( Ivyahishuwe 7: 2-3, 16: 2).  Ko twamaze kubona ko isabato ari ikimenyetso hagati y’Imana n’abantu bayo, ntivyodutangaza rero dusanze dimanche nayo ibaye ikimenyetso hagati y’Umurwanizi n’abantu biwe.

N’uko rero  »Ivyo nivyo Uhoraho yavuze ati: Ejo uzoba umusi wo kuruhuka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho, ni mugende murondere ivyo mugomba, muteke ivyo mushaka, ibisagutse mubibike, mubiraze. Mu misi itandatu abe ariho ibikorwa bikorerwa,ariko ugira indwi n’isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako; n’isabato yanje Uhoraho, yo kwitonderwa mu ngo zanyu zose (Kuvayo 16: 23; Abalewi 23: 3). Ivyo nivyo Kristu yari yamenyerejwe na Yosefu na nyina Mariya kuva akiri umwana, ngo bitwereke ko natwe mu ngo zacu dutegerezwa kuvyitondera tukabimenyereza abana bacu:  »Aja i Nazareti aho yakuriye, ku musi w’isabato yinjira mw’isinagogi, nk’uko yamenyereye… » (Luka 4: 16).  ORDINATION2002BWILLIAMSIntumwa Paulo, kugira ngo atwereke ko ar’intumwa idahemukira uwayitumye, nawe ako kamenyero yar’agafise.  »N’uko Paulo nkuko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana nabo ivyo mu Vyanditswe (Ivyakozwe n’Intunwa 17: 2).

Ntibigutangaze, n’aho nyene bibaye bishasha kuri wewe, kundira ijambo ry’Imana, wumve ko ejo uzoba umusi wo kuruhuka, w’isabato yarobanuriwe Uhoraho (Kuvayo 16: 23). Kandi rero hari n’imigisha wemerewe, mu gihe wohitamwo iki kimenyetso c’Imana arico sabato:  Ni wakura ikirenge cawe, ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wishakiye ku musi wanje wera, ariko ukita isabato umusi w’umunezero, mber’umusi wanje wera ukawita uw’icubahiro, ukawubaha ntukore ivyo ugomba, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa, n’uko uzonezererwa jewe Uhoraho, nanje nzoguha kugenda ujandagira mu mpinga z’imisozi yo mu gihugu, kandi nzogutungisha ishamvu ya sogokuruza Yakobo: kuko akanwa kanje jewe Uhoraho ariko kabivuze (Yesaya 58: 13-14). Reka ngende nkwibukije ko ishamvu ya sogokuruza Yakobo car’igihugu c’i Kanani ho mw’isi, kigereranywa structuremu buhanuzi na Kanani ho mw’ijuru. Ibi bivugako kwitondera isabato bivanze no kunezererwa ko tur’ubwoko bw’Imana, bituma tuhabonera n’ingwati yo kuba ba samuragwa b’ijuru muri Kristu, umwami w’isabato.

Hariho umurongo umwe abantu bagiye bitwaza mu gushaka gutembagaza urufatiro rw’intumwa n’abahanuzi, ngo Paulo yavuze ngo: Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushika ku musi wo gucungurwa (Abaefeso 4: 30). Uwu Mpwemu Yera yabwiwe abo muri Efeso ni Mpwemu wa Yesu, kandi ishengero ry’i Efeso ryahimbaza isabato, ntiryahimbaza dimanche. Kira noneho, Mpwemu Yera ntavuga kubiri na Yesu, kandi ntakora ibinyuranye n’ivya Yesu. Ntakora ibinyuranye na Paulo kandi. esprit-saint-colombe-2Niwe Mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe (Yohani 15: 26). Uwo ni yaza azohinyuza ab’isi abemeze ivy’icaha, n’ivy’ukugororoka, n’ivy’urubanza (Yohani 15: 26; 16: 8). Iki caha Mpwenu Yera yemeza ab’isi aribo banyamadini n’abapagani bose s’ikindi: Umuntu wese akor’icaha aba kora ivy’ubugarariji (aba arenze itegeko), kandi icaha nico mugararizo (kurenga itegeko) (1Yohani 3: 4). Nashize aya majambo mu tuzitiro kubera abantu batumva ikirundi neza: Kugarariza n’ukuvuga: Kurenga amategeko canke kugumukaarton1491. Tuvuge ko idini ryica itegeko ry’Imana naho ryoba rimwe, imbere y’Imana ryitwa idini ry’abagumutsi!!! Uwuvuga ngo ndamuzi ntiyitondere amategeko yiwe n’umubeshi ntakuri kuri muri we. Kuko ugukunda Imana kubonekera mu witondera amabwirizwa yayo (1Yohani 2:4; 5: 3). Mpwemu Yera rero abera ikimenyetso abumvira ivyo Imana itegeka, ntabera ikimenyetso abagumutsi. Yesu  nawe ntashobora guha agakiza abatamwumvira, kuko  » naho yar’Umwana yigishwa kumvira n’ivyo yababajwe, kand’amaze guhingurwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira (Abaheburayo 5: 9). Har’ivyo tugomba kwitondera. louanges-6Satani arashobora kutwemeza neza ko turi mu nzira y’ukuri, akatwigisha indirimbo nziza n’amasengesho meza, ariko akatwankisha urunuka amategeko ya Data. Afise n’imirongo ya Bibiliya yo kudutegesha, ngo atwifatire: Kandi ivyo ntibitangaza kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco (2Abakorinto 11: 14)

Kuko iryo shengero ry’I Efeso rero, ryari ryigishirijwe mu masinagogi y’Abayuda, yateranya amasinzi y’abantu kw’isabato (Ivyakozwe n’Intumwa 19: 8-10). Mu gihe Paulo yariko ararisezera asubiye i Yerusaremu, yararibwiye ati:  »mbaragije Imana n’Ijambo ry’ubuntu bwayo » (Ivyakozwe n’intumwa 20: 32). Birumvikana ko  mw’Ijambo ry’ubuntu bw’Imana ata dimanche yari 16_EL_GRECO_ST_PAULmwo, kuko i Efeso bari bafise ishengero rya rurangiranwa mu bugororotsi imbere y’Imana. Ariko Paulo yari yareretswe ko Satani yitegura kuryinjizamwo ibinyoma. Yavuze ati: Ndazi ko ni namara kuhava, amabingira y’inkazi azobonjiramwo atababaye ubusho. Kandi no muri mwebwe ubwanyu hazikwadukamwo abantu bavuga ibigoramye kugirango bakwegere abigishwa inyuma zabo (Ivyakozwe n’intumwa 20: 29-30). N’ayo mabingira rero yinjiye, akazana inyigisho Yesu n’intumwa n’abahanuzi batigeze bigisha ngo isabato yarasubiriwe n’umusi wa mbere w’imisi indwi ari wo dimanche. pape_avignon_benoit13Impamvu zose batanga sizo, ntimukazemere. Na birya bavuga ngo n’uko ariwo musi Yesu yazutseko, ntimukwiye kuvyemera, kuko uwo Yesu yazutse, ni we kandi yatugabishije ati:  Ntimugire ngo naje gusenyura amategeko (Matayo 5: 19). None abo abandi urwo ruhusha rwo gusigura ibintu uko bishakiye, ku buryo bunyuranye n’amategeko Yesu yubashe, intumwa zikayubaha, abahanuzi bakayubaha, ishengero rya mbere rikayubaha, n’abamarayika bakayubahiriza,  urwo ruhusha barukuye hehe? Paulo yagabishije ishengero ryo muri Efeso ati: N’uko mwame mugavye, mwibuke ko namaze imyaka itatu ntasiba guhanura umuntu wese ndira (Ivyakozwe n’Intumwa 20: 31). Nanje ndabagabishije: Mwame mugavye, mwibuke ko maze iyi myaka itatu ndabigisha ntabahisha ivy’ubwami bw’Imana. hww_1

Ariko ntibibujijwe gukora ivyiza kw’isabato, mugabo ntitwobigira urwitwazo,kuko Imana irazi ivyiyumviro vyacu vyose. Malades-dans-un-hopital-en-RDC1Gutwara umurwayi kwa muganga, kugaburira uwushonje, kugemurira umunyororo n’umunyabitaro, gufasha umuvyeyi ari ku nda, kuzimya inzu uriko irasha n’ibindi bisa n’ivyo, nta tegeko ribibuza! Ni vyo Yesu avuga ngo: Isabato yabayeho kubw’umuntu ariko umuntu ntiyabayeho kubw’isabato. Nico gituma umwana w’umuntu ar’umwami w’isabato (Mariko 2: 27-28). photo_1286965366058-1-0Mur’aya majambo Yesu ntahanagura isabato, mugabo yanka ko tuyitwaza tukibagira ko turi abantu kandi ko dutegerezwa kwitaho abantu nka twe naho hoba kw’isabato. Hariho ibintu tutokwirengangiza nka birya navuze ngaho hejuru. Ivyo tutokora ni nko kwirirwa twiyubakira amazu, kwirirwa mu nganda, ku vyarahani, kurima, n’ibindi… ICGM-CYINTALE%20P.%20CHURCH-KISORO-CONSTRUCTION%201Oya n’umusi w’ikiruhuko wejejwe n’Imana. Yesu avuze ko ar’umwami w’isabato, n’ukuvuga ko ntayihanaguye ah’ubwo n’umwami wayo. Abanyuzwe n’umugararizo bo baca bashaka ngo bayihanagure canke ngo bayihindure. Yesu ntiyigeze avuga ivyo bintu baramubeshera. N’abavuga ngo bari musi y’ubuntu bwa Yesu gusa, baramenya ko ubuntu bwahawe abacumuzi, n’ukuvuga abarenga amategeko. Mu gihe isi n’ijuru bikiriho, ibi bintu bitatu navyo ntibizokurwaho: ITEGEKO, ICAHA, UBUNTU, kimwe ntigisiga ikindi; muvyige neza, mubisubiremwo.

Mugire isabato nziza mu Mwami Yesu rero. Amen!

Miburo Balthasar

labiblepriere @yahoo.fr

Les 10 commandements

I - • 3 Tu n’auras pas d’autres dieux devant ma face.

II - • 4 Tu ne te feras point d’image taillée, ni de représentation quelconque des choses qui sont en haut dans les cieux, qui sont en bas sur la terre, et qui sont dans les eaux plus bas que la terre. 5 Tu ne te prosterneras (1point devant elles, et tu ne les serviras point ; car moi, l’Eternel, ton Dieu, je suis un Dieu jaloux, qui punis l’iniquité des pères sur les enfants jusqu’à la troisième et la quatrième génération de ceux qui me haïssent, 6 et qui fais miséricorde jusqu’en mille générations à ceux qui m’aiment et qui gardent mes commandements.

III - • 7 Tu ne prendras point le nom de l’Eternel, ton Dieu, en vain ; car l’Eternel ne laissera point impuni celui qui prendra son nom en vain.

IV - • 8 Souviens-toi du jour du repos, pour le sanctifier. 9 Tu travailleras six jours, et tu feras tout ton ouvrage. 10 Mais le septième jour est le jour du repos de l’Eternel, ton Dieu : tu ne feras aucun ouvrage, ni toi, ni ton fils, ni ta fille, ni ton serviteur, ni ta servante, ni ton bétail, ni l’étranger qui est dans tes portes. 11 Car en six jours l’Eternel a fait les cieux, la terre et la mer, et tout ce qui y est contenu, et il s’est reposé le septième jour : c’est pourquoi l’Eternel a béni le jour du repos et l’a sanctifié.

V - • 12 Honore ton père et ta mère, afin que tes jours se prolongent dans le pays que l’Eternel, ton Dieu, te donne.

VI - • 13 Tu ne tueras point.

VII - • 14 Tu ne commettras point d’adultère.

VIII - • 15 Tu ne déroberas point.

IX - • Tu ne porteras point de faux témoignage contre ton prochain.

X - • Tu ne convoiteras point la maison de ton prochain ; tu ne convoiteras point la femme de ton prochain, ni son serviteur, ni sa servante, ni son bœuf, ni son âne, ni aucune chose qui appartienne à ton prochain. (Exode 20/3-17) //

artimage_428707_2911907_20100902162768

Ufise ikibazo? hamagara kuri 79321090

Abari i Ngozi, muhamagare kuri 79238062

Mu Kirundo ni kuri 79585735

Mu zindi ntara z’Uburundi: 79321090.

Publié dans:Non classé |on 28 janvier, 2011 |3 Commentaires »

IKIGIRWAMANA C’IKIMASA C’INZAHABU N’INKURIKIZI ZACO (5)

S’URWAMO RW’ ABADEDESHA AKARURU KO KUNESHA, KANDI S’URW’ABATAKAMBISHWA NO KUNESHWA, ARIKO N’URW’ABAVYINA (Kuvayo 32: 18)

Maze Yosuwa yumvise urwamo rw’abantu bayogora, abarira Mose ati: Har’urwamo rw’intambara mu nsago! Aramwishura ati: Ivyo numva s’urwamo rw’abadedesha akaruru ko kunesha, kandi s’urw’abatakambishwa no kuneshwa, ariko n’ur’abavyina. IKIGIRWAMANA C'IKIMASA C'INZAHABU N'INKURIKIZI ZACO (5) 10commandementsN’uko ashitse hafi y,aho bashagaje abona ca kimasa n’abariko baratamba, uburake bwa Mose buraziriringa, ata hasi ivyo bisate yar’afise mu ntoke, abimenera mu mucamo w’uwo musozi. Maze yabira iyo masa bakoze, arayiturira, arayisya, ayigira ifu, ayimemera ku mazi, ayanywesha Abisiraeli (Kuvayo 32: 17-20).

Ni gake bavuga ko Mose yaduganye ku Mana n’uwundi muntu, ariko mu misi mirongw’ine n’amajoro mirongw’ine, yari kumwe na Yosuwa. Birashoboka ko Yosuwa atashoboye gukurikirana ibiganiro vyose Mose yagiriraniye n’Imana, ariko barashengeranye ku Mana. Kuko dusoma ngo: moses_blessing_zoomUhoraho abarira Mose ati: Duga, uze aho ndi kur’uyu musozi, ugumeho; nanje nzoguha ibisate bibiri vy’amabuye biriko amategeko n’amabwirizwa, ivyo nanditse ngo uvyigishe. Mose avana hasi na Yosuwa umufasha wiwe baduga uwo musozi w’Imana. Abarira ba bakuru, ati: Muturorerere hano, mushitse aho tuzogarukira (Kuvayo 24: 12-14). Tukiri ku nkuru ya Yosuwa, mwibuke ko aha hantu ariho Yosuwa yakuye inyigisho za mbere, zamukomeje mu bikorwa vyiwe, kuko niwe yajabukije (yambukije) Abisirayeli mu gihugu c’Iseimg.Joshuazerano Mose amaze gupfa. Iyi nkuru tuzoyigarukako mu vyigisho bizokurikira.

Yosuwa rero yagarukanye na Mose bavuye ku Mana, abarira Mose ati: Har’urwamo rw’intambara mw’ikambi! (Kuvayo 32: 17). Ndabibutsa ko Yosuwa yar’umusirikare w’intwazangabo mu Bisirayeli, kandi ko yagwanye intambara zose z’Uhoraho, Uhoraho nawe abana nawe amuha intsinzi. Soma cana cane Kuvayo 17: 8-13, n’inkuru zo mu gitabo ca Yosuwa. Iyo Yosuwa asanga bene wabo b’Abisirayeli batewe n’abansi mw’ikambi, yari yiteguye kurwana urugamba mw’izina ry’Uhoraho, kuko yar’agifise inguvu zose ahawe n’ijambo ry’Imana bari bamazemwo imisi na Mose. Uwo Yosuwa, Mose ntiyamuraze ubutunzi canke urugo rwiwe, ariko yamuraze Imana nyene.  Ijambo Mose yaraze Yosuwa, nanje niryo ngira nkubwire muri aka kanya. Naho noba narapfuye, uze uryibuke nku2985523422_eab7d8e187ko Yosuwa atibagiye iryo yasezeranye na mukuruwe mu kwizera, ariwe Mose. Iri jambo n’iri ngo: Uhoraho niwe azokuja imbere, azobana nawe, ntazoguheba, ntazoguta, ntutinye, nturanduka umutima (Gusubira mu Vyagezwe 31: 8). N’umusi Imana yatira Yosuwa mw’ibanga ryo kuyobora igihugu, mur’uko  kumwatira ntiyamufatishije intahe y’Abashingantahe nkuko bisanzwe bigenda mu Burundi (kandi n’ibiba i wacu n’ivyiza n’umuco mwiza, mugabo abashingantahe bisunga Bibiliya muro vyose, vyoba vyiza cane), ahubwo yamufatishije Bibliya itilire-la-bible: Ibiri muri ico gitabo c’amategeko ntuze ubikure mu kanwa kawe, ariko uze wame uvyiga ku murango no mw’ijoro, kugirango ubone kwitondera ivyanditswemwo vyose, niho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe (Yosuwa 1: 8). N’uko Uhoraho amaze kumwatira amusubiriramwo ijambo Mose yari yaramubwiye, kugira ngo yumve ko akwiye kugera ikirenge mu ca Mose, ati:  None si jewe nkwibaririye, nti shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’uja hose (Yosuwa 1: 9).

Icompa uwu musi ukumva ko aya majambo ari wewe uyabwirwa, gusoma Bibiliya kukaba akamenyero kawe ka misi yose, kuko Uhoraho ariko aragutuma ku rugamba nkuko yatumye Yosuwa, ati:p1060904 Va hasi ujabukane aba bantu bose urwo ruzi Yorodani, muje mu gihugu mbahaye, mwebge Abisraeli (Yosuwa 1:2). Nawe Imana irashaka ko uva hasi ukaba umuyobozi wabo muva mu rugo rumwe, abo babanyi bawe, abo mujana ku kazi, abo mukorana, abo mujana mu ngendo, abo mujana kuvoma, abo mujana kwa muganga, abo mujana mw’isoko n’ahandi. Bayobore ku Mana ubageze mu guhugu Picture+1Uhoraho yabasezeraniye, ukoresheje amajambo ari muri ca gitabo. Ntutinye nturanduk’umutima, kuko Imana yawe iri kumwe nawe.

Ntiwiteho urwamo rw’abavyina muri iyi si, kuko bariko baravyinira ibgirwamana bicuriye. Ivyo bigirwamana s’ibindi, n’amahera, n’amatongo, n’inzoga, n’ivyokurya,  n’abagore n’abakobwa beza, n’abasore beza beza babatwaye imitima, n’ibindi. Muri iyi misi y’Umwana w’umuntu, aho ukugaruka kwiwe kuriko kuregereza, biraboneka ko abantu bo muri iyi si nabo bakomeje gusamazwa (kurangazwa) n’ivy’isi, niko kubivyinira. Kuko ariko abari bameze mu misi umwuzure utari bwatere, bararya, baranywa, bararongora, barashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye mu bwato, ntihagira ico bamenya , kugeza aho umwuzure waziye ubatwara bose: niko n’ukuza k’Umwana w’Umuntu kuzomera (Matayo 24: 38-39). No musi ya Loti vyabaye birtyo: bararya, baranywa, baradandaza, baragura, bagatera, bakubaka, maze umusi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n’amazuku bitibuka bivuye mw’ijuru, birabahonya bose, niko bizoba umusi Umwana w’umuntu azoseruka (Luka 17: 29-30). arton2589

Iyo uravye ukuntu abakristu b’iki gihe babaye ba  »ntambir’akaje, bakaba ba  »njana n’abaja », biragaragara ko benshi muribo bazohava banywa kw’ifu y’ivyo bigirwamana birirwa bariruk’inyuma, umusi Yesu yaje. Ni waba ushaka gushika mu gihugu c’isezerano, tuze ubone ibiguruka ngo uhave uguruka nkavyo. Urabibona bica ibibatsi, ariko burya siko bihoraho. Shashaka Umwami Yesu yaguhamagaye, israela_1kuko ikiri mw’isi cose, ar’ivyipfuzo vy’umubiri, n’ivyipfuzo vy’amaso, n’ubwibone bw’ubu bugingo, ntibiva ku Mana Data wa twese, ariko biva kw’isi.  Kandi iyi si iriko irashira n’ ivyipfuzo vyayo, ariko uwukora ivyo Iman’ishaka yamaho ibihe vyose (1Yohani 2: 16-17).  Nivyo Mose yashatse kutwereka ngo: ata hasi vya bisate yar’afise mu ntoke, abimenera mu mucamo w’uwo musozi. Maze yabira ico kimasa bakoze, aragisya, akigira ifu, ayimemera ku mazi ayanywesha Abisiraeli (Kuvayo 32: 19-20). Arakabona abimenye, kuko ntaco vyari bikimaze, mu gihe badashobora kuvyitondera! Ibi vyerekana ko igihe c’imbabazi z’abica amategeko y’Imana kitazohoraho, kuko Ivyanditswe ku bisate bibiri vy’amabuye vyavuga ngo:5121975 ngira ikigongwe abankunda bakitondera amategeko yanje (Kuvayo 20:6). Nta mahoro y’abanyavyaha, niko Imana yanje igize (Yesaya 57: 21).

Ibi turabivuga turira, twinginga umuntu wese ngo agaruke mu nzira y’ukuri. Kandi ivyago vyagenewe inkozi z’ibibi bizoshika nta kabuza: Benshi bazotungaywa bezwe, babe abera derere, ariko abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi ntan’umwe mu banyakibi azobitahura, ariko abagize ubwenge bazobitahura (Daniyeli 12: 10).

Ni murondere mu gitabo c’Uhoraho, musome, nta nakimwe  co muri ivyo kizobura (Yesaya 34: 16).  Mwihangane, mugwane mutsinda, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 27 janvier, 2011 |Pas de commentaires »

IKIGIRWAMANA C’IKIMASA C’INZAHABU N’INKURIKIZI ZACO (4)

INYANDIKO Z’IMANA (Kuvayo 32: 16)IKIGIRWAMANA C'IKIMASA C'INZAHABU N'INKURIKIZI ZACO (4) dix_commandements-3

Maze Mose aramanuka uwo musozi, afise vya bisate vyompi mu minwe biriko Ibishingantahe (Ibihamya), vyanditsweko impande zompi, imbere n’inyuma. Ivyo bisate vyari bikozwe n’Imana, kandi inyandiko zikoragoshowe kuri vyo zari inyandiko z’Imana. (Kuva 32: 15-16).

Muri iki gihe isi yose yuzuyemwo imico y’ubuhumane ituruka mu Burengerazuba,  kenshi twemera ibintu dukurikije uko babitweretse mu masinema no masanamu. Ni kangahe bagerageje kutwereka Mose afise ibisate bibiri vy’amabuye, biriko amabwirizwa cumi, ugasanga bamwe bashira ku gisate kimwe amabwirizwa ane (4), ikindi bakagishirako atandatu? Abandi nabo bagashira kuri kimwe atatu (3), ikindi bakagishirako indwi? Tureke kubeshera Bibiliya.

Uwu musi inkuru nziza y’agakiza iriko iratwigisha ko vyari vyanditsweko ku mpande zompi imbere n’inyuma (Kuvayo 32: 15).  Ibi yari vyanditswe kur’ivyo bisate bibiri vy’amabuye, nivyo vyatumye Yesu-Kristu adupfira kumusaraba, kuko twebwe twese twari twabikandagiye. Mubari mw’isi ntawugororoka, akora ivyiza ntacumure (Umusiguzi 7: 20). Ariko ivyanditswe kuri ivyo bisate bibiri vy’ababuye ukwiye kubimenya kandi ubikomeze naho induru zoba ziriko zirakuvuga inyuma kuko: Aha niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana no kwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Wavyumvise? aho niho intwari zigaragarira, kandi ubwo butwari buva muri Yesu nyene. N’aho wocumura, uraramura amaso umwambaze, n’umunyembabazi arakubabarira.christian-group-activities-silly-skits-1.1-120X120 little_girl_prayer-300x450Si kubw’inkomezi, si kubw’ubushobozi, ariko ni kubwa Mpwemu wanje, niko Uhoraho Nyen’ingabo agize (Zekariya 4: 6). Abakuru b’amadini, impamvu bavyerekana kimwe kimwe canditsweko ku ruhande rumwe gusa, n’ubuhanuzi buriko barabarangukirako (burabasohoreraho), kuko bigira abere imbere y’abantu, ariko imbere mu mitima siko biri. Uko niko idini ritarayoborwa n’ubutware bw’Imana usanga riri, kuko rishira umwete ku bintu bigaragara imbere y’abantu gusa. Impamvu Imana yo yari yaranditse kuri ivyo bisate vy’amabuye imbere n’inyuma, kwar’ukugirango yereke twebwe abantu ko ariyo yaturemye kandi ko ibona ivyo dukora n’ivyo twibaza, jesus-and-phariseesibigaragarira abantu n’ibitagaragara. Ibiri imbere mu mitima yacu, n’ibiri inyuma ku mibiri bibonwa n’abantu, Imana yo iba yabibonye kera. Ni vyo Yesu yavuze ati: Erega mwebwe Abafarisayo mwoza inyuma y’igikombe n’inkoko, ariko imbere muri mwebwe mwuzuye ubwambuzi n’ububi. Mwa bijuju mwe (mwa baswa mwe), iyaremye urukoba siyo yaremye n’imbere? Luka 11: 39-40).

Izi nizo mpamvu nyamukuru zatumye Abafarisayo bo muri iyi misi tugezemwo, bagerageza gukura amategeko y’Imana mu gihugu cayo, bakigisha ngo bari musi y’ubuntu, bakiyiriz’ubusa, bivugisha mu ndimi n’ayandi masengesho maremare. Bagaheraho bavuga ngo barakijjwe, kuko abantu bose bama bababona bagiye ku rusengero canke bagendana mu kagwi iyo bagiye ku mirimo yabo, n’imyambaro myiza yo kwiyubahiriza. Prayer-to-End-the-Fast04Bagiye kure mu buryarya, bemeza abanyabwenge buke ko amategeko yari ku bisate bibiri  vyanditswe n’Imana ngo yar’ay’Abayuda. Bageze n’aho babeshera Ishengero ry’Abakristu ba mbere ngo Yesu yasubiye mw’ijuru baca batangura kwibohora kw’Isabato bafata dimanche. Bazanye amashusho n’amasananamu, bazana ibintu vyacuzwe mu mazahabu n’amafeza, mu biti no mw’ibumba, babicanira amatara bati ni muze dusenge. Imana iti: Sinzohindura ijambo ryavuye mu kanwa kanje (Zaburi 89: 35)

Bantu b’Imana ni mushakashake ubwenge buva mw’ijuru kuko igihe caduheranye! etude%20de%20la%20bible%20guadadvent2Umwami Yesu yadutey’iteka, yandika amategeko yiwe mu mitima yacu ngo yerekane ko tubaye icibare ciwe, Abafarisayo bo mu madini nabo bati ivyo n’ivy’Abayuda, ushobora gukandagira isabato, ukinywera akagwa, n’agatabi, kuko ntitukiri musi y’amategeko. Isabato rero turayivuga, kuko niyo ikunda gutera impari (impaka) mu bitwa abakijijwe (abarokore). Ariko twumvikane: Amaze kuvuga ati: Iri niryo sezerano nzosezerana nabo, hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzoshira amategeko yanje mu mitima yabo, no mu bwenge bwabo niho nzoyandika. Arongera ati: Kandi ivyaha vyabo n’ugucumura kwabo sinzovyibuka ukundi (Abaheburayo 10: 16-17). IMG_5925Mur’aya majambo, Yesu ntavuze ko azohindura amategeko avuze ko azoyandika mu mitima yacu. Ni ya yandi yakuye ku mabuye ayimurira mu mitima no mu bwenge bwacu. Kumenya Yesu no kwizera ko yapfuye azira ibicumuro vyacu, bituma twirinda kurenga amategeko kubera urukundo dufitiye uwatubambiwe. Gurtyo ivyaha vyacu bikazimanganira mu kimazi catanzwe na Yesu ku musaraba. Imisa ntiziba zigifise agaciro, P1050691-1_02canke gusaba imbabazi mu kwisonzesha, no mu kwibabaza mu buryo butari bumwe. Ariko aho ivyaha bihariwe, ntihaba hakiriho gutanga ikimazi c’ivyaha (Abaheburayo 10: 18). N’uko rero, iri jambo iyo  twamaze kuritahura neza, duca tubona ubudasa buri hagati y’ijambo rya Yesu ngo: Murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje (Luka 22: 19), PICT0019na rya jambo ry’idini ngo: Tubigize gurtya Yezu aba aje kubana na twe kuri za rutari no muri hostiya. (Raba kuri iyo foto, igabura ryera ry’uwibutso, bariko bararisengera).

 Kur’uwo mugoroba w’aho Yesu yatanguza Ingaburo Yera, Paulo siho yar’ari,  kuko ntiyari bwabe umwigishwa wa Yesu. Ariko amaze kugirirwa ubuntu, Mpwemu Yera yaramuvugishije ati: Uko murya uwo mutsima,kand’uko munywera kuri ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’umwami wacu, gushika aho azozira (1Abakorinto 11: 26). N’ukumenyekanisha urupfu rw’umwami wacu, n’urwibutso, kuko ntabwo dushobora kurema uwaturemye. Kera bahora barangiza gukora ivyo bintu bakaturirimbisha ngo: Ntituzi ingene biba uwubizi n’uwubigira. Dupfe yo kuvyemera nta mpari y’ibihuza. Ariko iyo dusomye ijambo ry’Imana tukaritumbera dusanga bitari mu muco.  Ah’ubwo vyose usanga ar’ikimasa c’izahabu baducuriye ngo tugisenge!

Kuvuga ukuri s’ugutukana! None murafise umurongo muri Bibiliya wemerera ikiremwa ko kirema uwakiremye? Ko Yesu yakoze igabura ryera ari kumwe n’intumwa cumi na zibiri, hari intumwa yigeze ibeshuza Paulo iti urabesha, s’ ukumenyesha urupfu rw’Umwami wacu ah’ubwo n’ukumurema? DSCN1415Ntukungurire ku majambo yayo kugirango ntize iguhane, ugahinyuka ko ur’umubeshi (Imigani 30: 6)

Ni muze dukomeza umuco wo guterana tumanyure umutsima mw’izina ry’umwami Yesu, tunywe no kuri ico gikombe, Twibuke isoko y’agakiza kacu, ariko tureke gushira imbere y’abantu ivyo  twigerekeyeko. Twoba dutandukaniye he na Aroni? Handitswe ngo Aroni abibonye yubaka igicaniro (arutari, uruhimbi), imbere yaco (ca kigirwamana c’ikimasa c’inzahabu), arabitangaza, aravuga ati: Ejo hazoba umusi mukuru w’Uhoraho? Kuvayo 32: 5).GoldenCalf Ariko se war’umusi mukuru w’Uhoraho koko, canke wari umusi mukuru w’ ikimasa c’igicurano?

Ivyanditswe bivuga ngo: kand’iwabo bamanyagura imitsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira inenge (Ivyakozwe n’intumwa 2: 46). Paulo yagiye mw’iteraniro ry’abakristu ba mbere ryo kumanyura umutsima, mu gihe yar’araririye kugenda muri Efeso. Ryari iteraniro ryatanguye isabato irangiye (samedi soir) ku mugoroba, ariho umwanditsi Luka yita ku musi wa mbere w’imisi indwi. sunset___donp_111008Kuko mu mvugo y’Imana, umusi utangura ku mugoroba iyo izuba rirenze. Ijoro niryo ritangura umusi. Reka rero dusome: Ku wa mbere w’imisi indwi, dukoranira kumanyagura imitsima, Paul ayaga nabo agira ngo buce agenda, atevya mu majambo shitsa mu gicugu…  »amanyagura umutsima ararya, ayaga nabo igihe kirekire ashika mu macaca (mu mutwenzi, mu rukerera, mu museke), maze aragenda (Ivyakozwe n’Intumwa 20: 7, 11). Iyi ntiyari misa ibateranije, kwar’ukumanyagura imitsima barya bibuka ivyo umwami yabategetse. Nivyo Paulo yagarutse ko hariya muri 1Abakorinto 11: 23-26. Genda uhasome.  ReadingTheBibleKandi uko guterana kwa Paulo n’abakristu ba mbere ntikwabaye ku cumweru mu gitondo nkuko muvyisomeye, kwabaye mw’ijoro isabato ishize rigera nu gitondo c’umusi wa mbere ari wo dimanche. Ushaka kuvyumva neza? Soma uwo murongo:  Buragoroba buraca uwo n’umusi wa mbere (Itangiriro 1: 5). Ibi ndabivugishijwe n’uko twamaze kuzirikwa ku katsi kubera abafarisayo bavyigiye, none dusigaye dusenga ikimasa c’izahabu kuko Yesu yatevye kugaruka, nka Mose yatevye kuri wa musozi. Ariko mwihangane mugaruke mu nzira y’ukuri, ari hafi, araje.p2_1 Mbega abantu iyo batemvye ntibasubira kuvyuka? Canke umuntu iyo azimiye (ayobye) ntasubira kugaruka? (Yeremiya 8: 4). Garuka garuka, ehe umwami araje! Ehe arazananye n’ibicu, kandi ijisho ryose rizomewibonera (Ivyahishuwe 1: 7).

Publié dans:Non classé |on 25 janvier, 2011 |Pas de commentaires »

IKIGIRWAMANA C’IKIMASA C’INZAHABU N’INKURIKIZI ZACO (3)

UGUSENGA KWA MOSEIKIGIRWAMANA C'IKIMASA C'INZAHABU N'INKURIKIZI ZACO (3) jh_hartley_moses_prayer419x600

Mose atakambira Uhoraho Imana yiwe,  ati: Mbega Uhoraho, n’iki gitumye uburake bwawe bururumba ku bantu bawe wakuje mu gihugu ca Egiputa ububasha bwawe bwinshi n’ukuboko kwawe kw’inkomezi? N’iki cotuma uha Abanyegiputa kuvuga ngo Kubateza ivyago niko kwatumye ibakura ino ngw’ibatsinde mu misozi miremire, ibahonye mw’isi? Enda se n’ushire uburake bwawe bw’inkazi wigarure ntuteze abantu bawe ivyo vyago. Ni wibuke Aburahamu na Isaka na Isirayeli, abasavyi bawe, abo wabariye wigize indahiro uti: Nzogwiza uruvyaro rwanyu, bacegukire ibihe vyose. N’uko Uhoraho arigarura, reka ivyo vyago yari yavuze guteza abo bantu (Kuvayo 32: 11-14)

Kaze mur’iki gice ca gatatu c’icigisho cacu. Ejo twabonye ukuntu Imana yatumye Mose ngo ahindukire kuraba abantu biwe arabe ukuntu bahemutse bakava mw’isezerano bakaja gusenga ikimasa c’izahabu bicuriye.moses Twarabonye ukuntu Imana yaciye yigira inama yo kubarandura bose ngo isigaze Mose, ngo aze abe ariwe avamwo ihanga rinini rizobasubirira.

Mose ntiyaboneyeho ngo n’uko Imana imutonesheje. Yaciye atangura gupfukamanga asengera abantu biwe. Umukozi w’Imana mwiza ntanezerwa no kumererwa neza kandi intama z’Imana ziriko ziranyerera zigwa mu caha. Akwiye kugira ineza kuri bose, no kuba umuyoboro w’ivyigisho, no kwihangana, Sabilo+conference+-+prayer+time+chairman+for+blogno guhanurisha ubugwaneza abamuhaririza, ngo kumbure bishobotse Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivy’ukuri, bashire amakari, bave mu mutego wa wa Mwansi yabifatiye ngo abakoreshe ivyo ashaka (2Timoteyo 2: 24-25). Uhava umbwira ngo ivyo n’ivya padiri na pasitori. Oya, ntuhave wigira nka Kayini yavuze ngo: None jewe nabaye umwungere wa murumuna wanje? (Itanguriro 4:9). Wewe, uwo mugore, wawe, uwo mugabo wawe n’abo bana bawe, abo muv’ind’imwe, incuti n’abagenzi, ababanyi bawe, abo musangiye urugendo, abo mukorana ku kazi, abo muhagararanyeDjilas%20dispensaire ku murongo kwa muganga, abo mujana kuvoma, abo mujana mu manama, abo bagutegeka, urabashizwe, ur’umwungere wabo. Mur’umunyu w’isi… Mur’umuco w’isi (Matayo 5: 13-14).

Basengere, bereke inzira ija mw’ijuru.  Mumenye yuko uwuzimuruye umunyavyaha, akamukura mu nzira yiwe yazimiriyemwo, aba amukirije ubugingo urupfu, kand’aba apfutse ivyaha vyinshi (Yakobo 5: 19).queue-bfp-nguelou Turahiriwe kuko dufise Imana yumvira abasavyi. Iyumvire ukuntu Mose yanezerewe yumvise ukuntu Imana yigaruye ikareka guteza abo bantu ivyago. image_file_2245Kuva uwu musi rero usengere abo bantu, kuko Imana yawe n’Imana yumva, s’ikigirwamana. Ni muh0nje mwumvirize ukuntu Uhoraho ari mwiza, hahirwa abamuhungirako! (Zaburi 34: 8).

Publié dans:Non classé |on 24 janvier, 2011 |Pas de commentaires »

IKIGIRWAMANA C’IKIMASA C’INZAHABU N’INKURIKIZI ZACO (2)

 ABO BANTU NDABABONYE ICO BARIMWO (Kuvayo 32: 9)

IKIGIRWAMANA C'IKIMASA C'INZAHABU N'INKURIKIZI ZACO (2) GoldenCalfUhoraho abarira Mose ati: Manuka ugende kuko ba bantu bawe wakura mu gihugu ca Egiputa bamaze kwononekara. Inzira nabategetse bayitaye ata n’akanya, bironkeye igishushanyo c’ikimasa, bakivugutiye mu nkero, bagisenze, bagihaye n’ibimazi, baravuga bati: Yemwe bana b’Israeli, ngiyo Imana yanyu yabakuye mu gihugu ca Egiputa. Uhoraho arongera abarira Mose ati: Abo bantu ndabababonye ico barimwo: n’abantu batagonda izosi, none rero upfe kundeka gusa, uburake bwanje bubarurumbeko ndabahonye, ariko weho nze nguhindure ihanga rikomeye (Kuvayo 32: 7-10)

Ndaguhaye ikaze muri iki cigisho ca kabiri cerekeye ivy’ikimasa c’inzahbu n’inkurikizi zaco. Mur’aya majambo Uhoraho yabwiye Mose ngo: Manuka ugende, ba bantu bawe wakura mu gihugu ca Egiputa bamaze kwononekara (Kuvayo 32: 7), arerekana ko Mose ariwe yar’asigaye aramutswa ubwoko bwose bw’Abisirayeli, moses-and-redemption-of-israelkuko yari yemeye ibanga rikomeye imbere y’Imana, ryo gukura abantu bayo muri Egiputa no kubashitsa mu gihugu c’isezerano. Mose rero yar’amaze imisi myinshi avugana n’Imana, ku buryo Abisirayeli bahavuye bibaza ko atakigaruka. Nico catumye bahendahenda Aroni ngo abakorere iyindi Mana, mbere n’intwaro ngo ihinduke. Ni waba warakurikiranye icigisho c’ejo, warabonye ko Aroni yari yemeye gusubira mu kirenge ca Mose, ariko war’umutego atezwe n’abahanuzi b’ibinyoma bari mu Bisirayeli nyene.

Ibanga Mose yari yaremeye ryamusaba kuganira n’Imana cane, kugira ngo aronke ubwenge bwo kuyobora abo bantu, kuko zari intagondwa. Haraho Mose yavuze ati: mosesNari naduganywe kur’uwo musozi no guhabwa vya bisate bibiri vy’amabuye, arivyo vyariko isezerano Uhoraho yasezeranye na mwe, nca mara kur,uwo musozi imisi mirongwine n,amajoro mirongwine ataco ntamira ata n’amazi nywa. Uhoraho araheza ampa ivyo bisate vy’amabuye, vyanditswe ko n’urutoke rw’Imana, amajambo yose Uhoraho yababaririye kuri wa musozi, ayavugiye mu muriro. Iyo misi mirongwine n’amajoro mirongwine ishize, niho Uhoraho yampaye ivyo bisate vy’amabuye arivyo vyariko iryo sezerano.  Maze Uhoraho arambarira ati: Va hasi, uve hano, umanuke vuba, kuko ba bantu bawe wakuye muri Egiputa bamaze kwononekara, inzira nabategetse bayitaye ata n’akanya, bironkeye igishushanyo, bakivugutiye mu nkero. Uhoraho arongera arambarira ati: Aba bantu ndababonye ico barimwo, n’abantu batagonda izosi, pfa kundeka gusa nzimirize izina ryabo musi y’ijuru, nawe ndaguhindure ihanga rizobarusha inkomezi n’ubwinshi. Nuko nca ndahindukira manuka uwo musozi; kand’uwo musozi wariko uraka umuriro, mfise vya bisate vyompi mu minwe biriko isezerano. Ngize ngo ndaraba mbona mwamaze gucumura k’Uhoraho Imana yanyu, mwironkeye igishushanyo c’ikimasa mukivugutiye mu nkero. Inzira Uhoraho yabategetse mwari mwayitaye ata kanya. Nca mfata vya bisate vyose nari mfise mu ntoke mbimenera imbere yanyu. (Gusubira mu Vyagezwe 9: 9-16).

Ivyabaye kuri Mose birasa n’ivyabaye kandi arivyo biriko baraba kuri Yesu-Kristu, Umucunguzi wacu. priest-and-holy-of-holiesYadukuye muri Egiputa mu buja bw’icaha. Yadushize mw’isezerano rishasha kubw’amaraso yiwe yaviriye kuri wa musozi, ahantu hitwa Nyagihanga mu giheburayo hitwa Golgota (Yohani 19: 17). Asubiye mw’ijuru kutuvuganira kwa Data, duca turema ayandi madini, twishiriraho abandi bategetsi bigisha ibihuje n’irari ryacu. Ariko har’abigira abavugishwa n’Imana kandi, mu bgoko bw’Israyeli, nkuko muri mwebwe hazoba abigisha ibinyoma, bazozana inyigisho muSieniawakosciol mpisho zirema ibice, zitera guhona, bazokwihakana Shebuja yabaguze, bihamagarire guhona gutebutse. kand,ingeso zabo z,isoni nke benshi bazozikurikira, kubw,ivyo bazotukisha inzira y’ukuri. Kand,ukwipfuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebwe, bababwiye amajambo barementanije, uhereye kera urubaza rwabo rurateguye, ivyo guhona kwabo biranditswe (2Petero 2: 1-3).

Mu gihe abana b’Israyeli bari bamaze kuremesha uruvyino batambira ca kigirwamana, niho Mose nawe yaseruka arungitswe n’Imana.Moses%2010%20commandments No mu gihe abakristu bijukiye ivyo kwimika abandi bami n’abamikazi, bagashaka kuroonka abandi bakandizi babavugira mu ngoro ku Mana, baba bariko barihamagarira guhona. Kuko burya abakristu bibagira vuba ivyo basoma mu gitabo c’Imana canke ivyo Mutima Mweranda ari we Mpwemu Yera abereka mw’Ijambo ryayo. Handitswe ngo: Kuko har’Iman’imwe, kandi har’umuhuza umwe w’Imana n’abantu, nawe nyene n’umuntu ni Kristu-Yesu (1Timoteyo 2:5). 100_0858_1_t.800Ko iri jambo rimaze gusomwa n’abatari bake, none bigenda gute ngo basubire kwemera ko hariho umwamikazi wundi mw’ijuru ashobora kabaserukira ku Mana? Bigenda bite ngo abakristu basubire kwemera ko hariho abandi bantu babavuganira mu ngoro kwa Data, bakababwira ngo: Dusabire? Bigenda gute ngo tugararize ijambo ry’Imana nzima, tukemera ko igishanyo cakozwe mw’ibumba canke mu giti kironka icubahiro gusumba izina ry’Umucunguzi wacu Yesu-Kristu? Mw’izina ry’uwu Yesu-Kristu nyene, nifatanije n’Intumwa Paulo, mu kubatangariza iyi nkuru nziza y’agakiza ivuga ko har’Iman’imwe, kandi har’umuhuza umwe w’Imana n’abantu, ni Kristu-Yesu (1Timoteyo 2: 5). Kuba ar’umuntu ntibimwambura ubumana bwiwe niyo mahirwe dufise. Ntiyigeze yiguban’iteka ry’ukungana n’Imana. Yararizimamnganije mu kwigir’umushumba yemera gusa n’abantu (Abafilipi 2: 6-7).

Burya kwemera ibintu  bidahuje n’Ivyanditswe Vyera, n’ukwigerezako. N’aho wobona bivamwo ibitangaza bidasanzwe, kubonekerwa, gukiza ingwara n’ibindi, uramenya muvandimwe!!! Satani ntakina nkawe!!! Har’umuntu w’umugarariji yavuzwe, azoza akazana inyigisho zisivya blog.h465inzira y’Imana, kandi benshi bakamukundurira inyuma, bibaza ngo n’ukuri, kubera uguca ibibatsi kwiwe n’ibitangaza bimukurikira. Hariho ibanga rizwi na bake riri muri Bibiliya, ariryo ngirango ndakumenere: Ukuza k’uwo mugarariji kuri mu buryo bw’inkomezi za Satani, kuri n’ubushobozi bwose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma, n’ubugunge bwose bwo kugabantanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivy’ukuri ngo bakizwe. nico gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo ngo bizere ibinyoma, kugirango abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa kugabantanya, bacirwe kw’iteka (Abatesalonika 2: 9-12).

Wewe ushobora kuba warabeshwe, upfukamira ikimasa c’inzahabu, uragisenga, kandi barakwemeza rwose ko ar’Imana yawe yagukuye mu vyaha, canke ko gifise ico congereza ku gakiza wahawe n’Umucunguzi wawe. Ariko  Imana yawe iriko iratuma Yesu umwana wayo iti: Va hasi ugende, ba bantu bawe wakura mu vyaha bariko barasenga izindi mana. Bironkeye abandi bahuza babahuza n’Imana, kand’atar’ukuri, none barabasenga, bakabambaza. Abo bantu ndababonye ico barimwo (Kuvayo 32: 9).IMG_0187 Nkumbure mu birori vyo gusenga no gukora iyo mihango niwewe uba uri mu ba mbere canke ni wewe ubiyobora.  N’uko none ehe raba Uhoraho ashize impwemu y’ibinyoma mu kanwa k’aba ba kamenyi bawe bose; kandi akugeneye ivyago (2Ngoma 18: 22). None se sibo wishimira ngo bakubwira ivyo bigiye? Uku niko Uhoraho agize ati: Aravumwe, umuntu yishimira abantu, akizigira inkomezi z’abari n’umubiri, umutima wiwe ukava ku Mana (Yeremiya 17: 5). Reka guhindukiza amaso werekeza ku bantu nkawe no kubigirwamana vyacuzwe n’amaboko yabo. statue%20boscoAriko Imana yacu iri mw’ijuru yakoze ibiyihimbaye vyose. Ibigirwamana vyabo n’ifeza n’izahabu, n’ibikorwa n’amaboko y’abana b’abantu. Bifise akanwa ntibivuga, bifise amatwi ntivyumva. Bifise amazuru ntibimoterwa, bifise intoke ntaci bikorakora. Bifise ibirenge ntibigenda, kandi ntibivugisha imiuhogo yavyo. Ababikora bazomera nkavyo, mbere n’uwuvyizigira wese (Zaburi 115: 3-8). Ntawe ntunze urutoke, ariko mu bantu basoma iki cigisho, harimwo uwukeneye gukizwa, akava mu bigirwamana. Erega, Segaba Mana yacu, aravuga ati: Ni muntumbere mukizwe mwa mpera zose z’isi, kuko ari jewe Mana ata yindi (Yesaya 45: 22). Wumva mur’aka kanya udakwiye gutumbera Yesu ngo ukizwe?

Publié dans:Non classé |on 23 janvier, 2011 |Pas de commentaires »

ARONI ACURIRA ABISIRAYELI IKIGIRWAMANA C’IKIMASA MW’IZAHABU (1)

 Iki cigisho kizomara imisi indwi

INKURU Y’IKIGIRWAMANA C’IKIMASA C’INZAHABU N’INKURIKIZI ZACO (1)ARONI ACURIRA ABISIRAYELI IKIGIRWAMANA C'IKIMASA MW'IZAHABU (1) golden-calf

Abantu babonye  Mose atevye kur’uwo musozi, atamanutse, bakoranira kuri Aroni bamubarira bati Enda n’uturonkere imana zo kutuja imbere, kuko umwe Mose yadukura mu gihugu ca Egiputa tutazi uko yabaye. Aroni arabishura ati: Ni mukwature impeta z’izahabu ziri ku matwi y’abagore banyu no ku y’abahungu n’abakobwa banyu, muzinzanire. Nuko abantu bose bakwatura impeta z’izahabu zo ku matwi yabo, bazishira Aroni. Arazakira, azivugutira mu nkero, azikuramwo igishushanyo c’ikimasa, agitunganishije isinzo; baravuga bati: Yemwe Bisirayeli, ngiyo imana yanyu yabakuye mu gihugu ca Egiputa. Aroni abibonye yubaka igicaniro imbere yaco, arabitangaza aravuga ati: Ejo hazoba umusi mukuru w’Uhoraho. Bukeye bakoroka kare batanga ibimazi, baravyosa, bazana n’ibimazi vy’ishimwe, bicarikwa no kurya no kunywa, bava hasi baravyina (Kuvayo 32: 1-6)

Aya majambo dukwiye kuyiga tuyitondeye. Ngw’abantu babonye ko Mose atevye kur’uwo musozi atamanutse, bakoranira kuri Aroni bati Enda n’uturonkere imana zo kutuja imbere, kuko umwe Mose yadukura mu gihugu ca Egiputa tutazi uko yabaye (Kuvayo 32: 1). GoldenCalfIbintu biba mw’ishengero ry’Imana muri ibi bihe birasa neza n’ibivuzwe mur’uwu murongo. Mose yari yaduze kuvugana n’Imana ku musozi mweranda wa Sinayi. Imana yar’imaze kubaha amategeko cumi (Kuvayo 20: 1-17).

Ijambo ry’Imana ryerekana neza ko Mose na Yesu ko bafitaniye isano mu buyobozi bw’igihugu c’Imana: N’uko rero bene Data bera, abasangiye ihamagrwa riva mw’ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura, ayobokere iyamutoranije, Prayer_of_Moses_Before_Crossing_Red_Seankuko Mose yayoboka mu rugo rwayo rwose. Kandi Mose yayoboka mu rugo rwayo hose nk’umushumba, kugirango abe icabona co gushingira intahe ibizovugwa hanyuma. Ariko Kristu ayoboka nk’umwana, atwara urugo rwayo. Kand’urugo rwayo ni twebwe, namba tubangirije ubushizi bw’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw’iherezo (Abaheburayo 3: 1-2, 5-6). Abakristu benshi babonye Yesu Kristu yatevye mw’ijuru kwa Data, bakoranira ku bayobozi b’amashengero ngo babashakire izindi nyigisho zoborohereza, prayer_jesuskuko badashobora kwihanganira ivyo Yesu yasize abasezeraniye nkuko yari ybihawe na Data. Ikigeretseko, aratevye kugaruka. Mur’uko kurambirwa, niho benshi batoranije abategetsi babita abavyeyi babo na ba shebuja babo (Pape, Père, Mère,pasteur-tb-williams Monseigneur, Révérend, n’utundi tuzina tw’icubahiro tutajanye n’ivyo Yesu yigishije. Yesu aravuga ngo: Bakunda ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe, n’intebe z,icubahiro mu masinagogi, no kugigwako bwakeye mu tuguriro no kwitwa n’abantu ngo: Rabi (Matayo 23: 6-7). Iri jambo ngo Rabi, la-reverende-mere-bernes-superieure-dela-maison-st-vincent-de-paul-jerusalem-october-13-1976-g_487n’ijambo ry’igihebreyi risobanurwango Nyakwubahwa Mwigisha; rirahura neza n’iri ngo: Révérend, mu gifransa. None ntimukitwe Rabi, kuko umwigisha wanyu ar’umwe, namwe mwese muri abavukana. Kandi ntimukite umuntu wo mw’isi Data kuko So ar’umwe, ar’uwo mw’ijuru (Matayo 23: 8-9). Iri jambo ngo Data, rirahuye n’iri jambo ngo Papa canke Pape mu mvugo y’idini, rikaba rihura n’ijambo Père (mu gifransa), Padre (mu gitaliano no mu kiespagol) Patri (mu kilatini). Dukurikije ivyo Yesu asaba ishengero, usanga bimubabaza kwita umuntu atakuvyaye ngo Père Michel, Père François, Révérende Mère… Révérend Pasteur, Révérend Frère…, Monseigneur, n’ibindi). Kuko iyo umuntu wo mw’isi abonye ko wamwubashe, nawe ariyubahiriza, kandi akagerageza kuguha ivyo umusaba vyose kugirango ukunde agutegeke. Nico caha ca Aroni. 2642412816_9f2852f42a

Aroni yanse gutakaza agaciro imbere y’igihugu, yemera guhengamira iyo bahengamiye, nivyo twita muri ibi bihe  »démocratie ». Ntimuze muherere ku ruhande rwa benshi bari mu nama y’ibibi, kandi umushingantahe ac’urubanza, ntaze aje iyo benshi bari, bigatuma bagoreka urubanza, kandi ntimukarenganye umuntu mubitewe n’uko ar’umworo (Kuvayo 23: 2). Sindi umupoliticien, mugabo iyo ikintu cemewe na benshi, ntabwo biba bivuze ko ari ciza igihe cose. Kenshi bacemera kuko kiba gihuje n’irari ryabo. Nivyo abaroma bahora bavuga kera ngo: Vox populi, vox Dei, n’ukuvugango: Ijwi ry’abanyagihugu ni ryo ritangaza ivyo Imana ishaka. Muritonda bagenzi banje!Mumenye ivyo mukora, kuko mu guca imanza atar’abantu mukorera, ariko n’Uhoraho; kandi niwe ari kumwe namwe mu manza. Ariko mugende mwubaha Uhoraho,  mwiyubare mu vyo mukora; kuko Uhoraho Imana yacu ata mafuti ari muri we, canke gutinya ijunja ry’umuntu, canke kurya ruswa (2Ngoma 19: 6-7). Sindiko ndavuga ko ibintu bigenda nabi mu bihugu vyacu, mugabo ndiko ndavuga nko mu gihe vyodushikira, kuko bishobora gushika!

Wewe mwene Data nkunda cane, nkumbure woba waragize amahirwe yo kuyobora urugo, obama_family_essence_575-d7906ukayobora abantu mu kazi, mu ntwaro, mw’ishule, mw’ishengero ry’Imana, n’ahandi. Ukwiye kwirinda mu kwemerera  abantu ivyo bagusaba vyose, kuko kenshi barakugerageza ngo ubacurire ikimasa c’izahabu. Iri jambo rirakuraba: Ntimuragire nk’abatwaza amanyama ubusho mwahawe, ariko mubere akarorero keza ubusho (1Petero 5: 3).  Ni bangahe kw’isi barya ruswa, bagaha akazi abatagakwiye, kandi abagashoboye bahari? Ni bangahe bashobora kurengana kandi bazira ivyo batakoze, ivyo bikaba kugira ngo abo tuyoboye canke abo twubitse umutwe hamwe banezerwe? Ewe mugenzi nkunda, iri jambo ni wewe ribwirwa ngo: Nawe ubwawe wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza, wigishe inyigisho zisukuye, ube inyankamugayo (Tito 2: 7). Umwana mw’ishule akwiye guhabwa amanota yakoreye, tutaravye ivyo baduhendesha badukoresha amakosa ngo n’uko tur’abategetsi.

No mu nzu y’Imana hakwiye kuba abayobozi b’Ishengero babishoboye kandi babihamagariwe, atari bimwe vyo kugira ngo tuzomurambikako ibiganza canke ngo azoyobora ibi kubera ko tuva hamwe, dusangiye ubwoko, twariganye n’ibindi, kandi ata co azi gukora kijanye n’ikibanza ari mwo. Kuko ni yaba Aroni yaraguye kandi yari yatoranijwe n’Imana none mwumva abatowe n’abantu buntu bose bazogarukira hehe? N’uko ni mukovye, kandi Uhoraho aze abane n’uwudaca urwa ngondegonde (2Ngoma 19: 11). c2a7cf64c4Hari n’ibindi vyadutse, ikibanza ijambo ry’Imana rigenera madame-le-pasteur-318umugabo ugasanga bagihaye umugore, canke ugasanga umugabo ariko arakora ivyokozwe n’umugore, ngo n’ukubera amajambere. Sinkundira ko umugore yigisha canke ko  aganza umugabo, ariko atekereze. Kuko Adamu ariwe yabanje kuremwa, hanyuma Eva. Kandi Adamu siwe yahenzwe, ariko umugore niwe yahenzwe, agwa mu bicumuro. Yamara azokizwa kubw’ukuvyara, ni bashishikara kwizera,no kugira urukundo no kwezwa, bifatamije no kudahugumba (1Timoteyo 2: 12-15). Umugabo afise ukuntu ategerezwa kubaho nkuko Imana yamugize,Maconnerie umugore nawe afise umwanya wiwe w’icubahiro c’umuvyeyi, ni ko vyategerezwa kumera, cane cane mw’ishengero ry’Imana. N’ibintu dukwiye kwumvisha abahungu n’abakobwa bacu bakiri bato. Abakobwa n’abagore ni baba bafise ubutumwa bashobora gutanga, ni vyiza ko bagenda ari babiri, bikunze hakabamwo umuvyeyi w’inararibonye. Umugore afise umugabo, hamwe vyoba ngombwa ko aja kuvuga ubutumwa, akwiye gukorana n’umugabo wiwe nka Akwila na Priskila (Ivyakozwe n’Intumwa 18: 1-2 na Abaroma 16: 19). famille-africaine-heureuse-thumb13155210Imana s’ikijuju, ku buryo yoha umugore ubutumwa bumubuza kuja kwonsa umwana no gukora amabanga yo mu rugo ajejwe. Kandi hari imyuga myiza umuvyeyi akora, agashobora no kwitaho umugabo n’abana biwe, akaboneraho no kugumana agatima k’urupfasoni n’ikigongwe nkuko nyene Imana yamuremye. 20080222_africa_nurseBirazwi neza ko abagore bafise vyinshi bakora kugira ngo ingo zabo zimere neza, nico gituma dukwiye kwirinda ubwo butumwa canke uko kwerekwa gutuma umukenyezi yirirwa ariruka inyuma y’abantu ngo n’uko ari umupasitorikazi, umukuru w’ishengero, umukuru w’abaririmvyi n’ibindi. Nta muvyeyi ashobora kuronka umuhamagaro umubuza kwitaho urugo rwiwe n’ibibondo vyiwe.crb751044 Iyo bibaye birtyo, naho wobona uwo mukenyezi asa n’uwubifisemwo umuhamagaro, ivyo ntibitangaza kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco( 2Abakorinto 11: 14). Benshi bitwaza ivya Debora umucamanza, kuko yabaye umucamanza mu Bisirayeli, agafata umwanya w’umukuru w’igihugu. Bibiliya ivuga ko mur’ico gihe Abisirayeli bose bari babaye abanyavyaha. Uwo mugore yeretswe n’ukuntu umugabo yitwa Baraki uzoyobora urugamba rwo kubohoza igihugu, wa mugabo aratinya kugenda adaherekejwe n’uwo mugore Debora. Debora aramwishura ati: N’uko tuzojana, yamara rero urwo rugendo nta uzogenda ruzogutesha agaciro, kuko Uhoraho deborah-dtrs-fireagiye kuzogabura Sisera mu maboko y’umugore, n’uko Debora aragenda ajana na Baraki i Kadeshi (Abacamanza 4: 9). Nta mugambi Debora yar’afise wo kuyobora urugamba, kuko uwo war’umurimo w’abagabo. No mu kuvugishwa kwiwe no mu bucamanza bwiwe, Bibiliya ivuga ko yitwa muka Lapidoti (Abacamanza 4:4), yazicira iwe. Yakunda kwicara musi y’igiti citwa ica Debora nyene, cari hagati y’i Rama n’i Beteli (Abacamanza 4: 5). Ni naho har’i we i muhira. Debora yaragiye, kandi uwo mugabisha w’igisirikare yaratsinze urugamba, ariko intsinzi yitiriwe umugore yitwa Yayeri, muka Heberi, niwe yishe umwansi Sisera, amwicira mu nzu i we, amwizaniye i muhira… (Abacamanza 4: 21). Ni co gituma ishimwe ry’iyo ntsinzi ryitiriwe uwo mukenyezi Yayeri ngo: jael-siseraYayeri aragahezagirwa muka Heberi Umunyakeni, aragahezagirwa kurusha abandi bagore baba mu mahema! (Abacamanza 5: 24). Vyasuzuguje cane uwo mukuru w’igisirikare, kuko siko Imana yari yabishatse. No mu ndirimbo y’ishimwe ya Debora, izina ry’uwo mukuru w’abasirikare rivugwa rimwe gusa, havugwamwo cane amazina y’abagore gusa. Mu bimenyetso vyerekana ko Yesu ari hafi kugaruka, haravugwa ngo: Yamara abantu banje, abana nibo babacuranguza, abagore nibo babaganza.k0563988 Yemwe bantu banje, ababarongora, barabazimiza, kandi bazimanganya inzira mwociyemwo. Uhoraho ahagurukijwe no kuburana, kand’ahagurukijwe no gucira amahanga imanaza (Yesaya 3: 12-13). Mu vyo Imana yagiriza abantu b’iki gihe, cane cane amashengero, hari mwo rwose ico caha co gushira abantu mu mwanya batagenewe n’Imana. Imana ntiyibesha, ni tureke guta umurongo yaduhaye. Kuko ijambo ry’Uhoraho ritunganye,kandi igikorwa ciwe cose agikorana ukuri (Zaburi 33: 4).

N’uko rero, uko umwami yagabiye umuntu wese,kandi uko Imana yamuhamagaye abe ariko amera. Niko ntegeka mu mashengero yose (1Abakorinto 7: 17).  couple-mixteAhandi ho bikomeje nkuko biri, mu gihe kizoza wosanga abagabo bambaye ingutiya (iguturiya canke ama jupes n’ibitenge, nayo abagore bambaye amapantaro n’amakoti nk’abagabo, kandi murabona ko vyatanguye.   Ntihaze hagire umukobwa yambarana impuzu n’umuhungu, canke ngo hagire umuhungu yambarana n’umukobwa, kuko uwukoze ivyo wese aba abaye ikizira k’Uhoraho Imana yacu (Gusubira mu Vyagezwe 22: 6).2ladiessmallerone Umupasitori yemerera ko ishengero ryiwe rigwa mur’uwo mutego ngo abone ukuntu yikiza induru z’abagore canke z’abagabo, ntaho atandukaniye na Aroni yemeye gucura ikimasa c’izahabu kubera ko aremerewe n’urwamo rw’igihugu. Ewe muyobozi w’ishengero mwene Data, uko ishengero ryawe ryoba riri kose, abakor’ivyaha ubahanire mu maso ya bose, kugirango abandi nabo batinye. Briand+et+Hel%C3%A8ne+TATFORT+de+France+avec+des+Responsables+du+Temple+B%C3%A9thel+en+1997Ndakwihanikirije mu nyonga z’Imana n’imbere y’abamarayika batoranijwe, witondere ivyo, ntuce urw’umw’umwe, ntukore ivyo guca urwa nkunzi. Ntihakagire umuntu wihutira kurambikako ibiganza kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane (1Timoteyo 5: 20-22).

Umugabofamille-africaine-heureuse-thumb13155210 mu nzu akwiye kuyobora urugo rwiwe mu butungane, atitwaza ngo n’uko ari Nyen’urugo ngo agende acura umugore n’umwana bufuni na buhoro kugira ngo abandi babone ko ar’umugabo w’igitinyiro mu rugo. Abagabo nabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe aba yikunda, kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira, akawubungabunga, nkuko Kristu nawe agirira ishengero. dc758273Bavyeyi, ntimugaturubike abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanura, uko umwami wacu asahaka (Abanyefeso 5: 28-29; 6: 4.

Umubiri wacu nawo kenshi har’igihe udusaba kuwucurira ikimasa c’izahabu, mu kudusaba ibiwuhesha amaraha, canke kwimara agashavu muri ibi na biriya. N’uko bene Data, ndabahanura kubw’imbabazi z’Imana, ngo mutangeimibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi. Ntimukishushanye n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugirango mumenye neza ivy’Iman’igomba, With+SA+Students+Xxni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose (Abaroma 12: 1-2).

Aroni we yar’azi ko ni yanka gukorera abantu ico bamusavye, ko bahava bamugurukirako bakamwica. Yabaye urutukisha mu bakozi b’Imana bo mw’isezerano ryakera kubera ico kintu yakoze, n’uko nyene Uhoraho yuzuye imbabazi, n’umunyabuntu, ateba kuraka, agira ikigongwe cinshi (Zaburi 103: 8).

Wirinde kwemerera abantu gutegura no gukora imisi mikuru itemewe n’ijambo ryayo. tanzaIvyabaye mu Bisirayeli bishobora kudushikira kuko natwe dukunda kurarika amateraniro yo gusenga, tugatanga ibigiracumi n’amashikanwa, tukarya tukanywa, abantu bakava hasi bakavyina. Mfise ubwoba ko bamwe bazohava babeshwa ngo bariko baravyinira Imana, naho bariko baravyinira ikimasa c’inzahabu nk’Abanyisirayeli imbere ya Aroni. Iyo amategeko y’Uhoraho yishwe, abantu ntibabura ukuntu bihesha amahoro, ngo berekane ko bari mu kuri. Aroni yar’azi ko akora ibintu bidatunganye. Ariko aravuga ngo: Ejo hazoba umusi mukuru w’Uhoraho (Kuvayo 32: 5).

Ubwo weho, zirya Noheli, zirya karema, n’arya materaniro ac’ibibatsi nk’izuba, naza dimanches zitagira uko zisa, ubwo ntaho vyoba ar’ikimasa c’izahabu bakweretse, ukagitambira ngo n’Imana? Woba ko waratohoje mw’ijambo ry’Imana usanga bihuje n’ivyavuzwe n’Imana yagukuye muri Egiputa, mu vyaha? Canke wubatse kuri bimwe vyo kuvuga ngo i wacu twemer’ibi, namwe mwemer’ibi. None iyo Bibiliya ufise mu ntoke ivuga iki? Wemera Aroni n’ishengero canke wemera Mose n’Imana?3138055904_1d7238510f Wemera padiri canke pasitori n’abanyedini banyu canke wemera Yesu umwana w’Imana naho yatevye kugaruka?  Ariko Umwana w’umuntu ni yaza, mbega azosanga ukwizera mw’isi? (Luka 18: 8). Mbega azosanga ukwizera muri wewe no mw’ishengero ryanyu?

Ikibazo ca nyuma: None ubona hokorwa iki?

Publié dans:Non classé |on 22 janvier, 2011 |Pas de commentaires »

EJO UZOBA UMUSI WO KURUHUKA W’ISABATO (Kuvayo 16: 23)

Ijambo ry’Imana rivugira mu ntumwa Paulo ngo:

Gukebwa ntaco kumaze, no kudaEJO UZOBA UMUSI WO KURUHUKA W'ISABATO (Kuvayo 16: 23)kebwa ntaco kumaze, ariko igikira ico kimaze, n’ukwitondera amategeko y’Imana. Ku musi w’isabato turenga irembo ry’igisagara (umujyi), tuja ku ruzi, dukeka ko hoba aho basengera (1Abakorinto 7: 19; Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13)

Twirinde gukoresha izina rya Yesu hamwe n’irya Paulo mu kwigisha ivyo kugarariza (kugomera) amategeko y’Imana. Yesu na Paulo ni bamwe rwose. Ivyo guhindura isabato gushika aho umusi wa mbere w’imisi indwi  witwa umusi w’ikiruhuko ntivyavuye muri Mpwemu Yera (Mutima Mweranda) wa Yesu na Paulo. Vyavuye mu mutware w’umwijima, umwami  w’abaganza ikirere niwe Mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa (Abefeso 2: 2).

Umuhanuzi Daniyeli yareretswe neza ukuntu iyo mpwemu mbi izokwigisha ikinyoma iciye mu muntu w’umunyacubahiro akoreshwa nayo ngo: Iman’isumba vyose azoyivugako amajambo yo kuyisuzuguza. Azoj’imigabo yo guhindura ibihe n’amategeko (Daniyeli 7: 25)

Nta kuyisuzuguza kuruta kwigisha kureka itegeko ry’Imana, tukigishwa kwemera itegeko rya gipagani ryazanywe n’abantu! Ariko umuntu afise icubahiro ntagire ubwenge, ameze nk’inyamaswa zipfa gusa (Zaburi 49: 20). Erega kwubaha Uhoraho niryo tanguriro ryo kumenya, ariko ibipfu bikengera ubwenge n’inyigisho (Imigani 1: 7). Kandi rero biragoye n’ukugirango umuntu abitahure atabihawe n’Uhoraho, kuko umubeshi nawe akoresha akarimi keza ngo yikumakumireko amahanga. image_5517Abakor’ibibi vyo kugwanya isezerano, azobazimirisha (azobayobya akoresheje) akarimi keza, ariko abantu bazi Imana yabo bazoshikama bakore 0ibikomeye, kand’abanyabwenge bo mu bantu bazigisha benshi (Daniyeli 11: 32-33). Kristu yabambwe ku musaraba azize ibicumuro vyacu. Igicumuro n’ukurenga itegeko (1Yohani 3: 4). Amategeko cumi yanditswe n’urutoke rw’Imana ku bisate bibiri vy’amabuye, niyo arimwo isabato igaruka buri ndwi (buri cumweru) (Kuvayo 31: 18 na 34: 28). Yama ahishijwe mw’isandugu ry’isezerano imbere (Kuvayo 25: 16). Umusaraba wa Kristu niwo ushimangira ayo mategeko arimwo isabato hagati na hagati. Kuko iyo abantu bayakomeza, Kristu ntiyari gupfa urupfu rw’ibivume ku musaraba.  Ntagereranywa n’amategeko ya Mose kuko ayo yandikishijwe ikaramu rya  Mose. Kandi amategeko ya Mose yaguma hanze ntiyigera yinjira mw’isandugu ry’isezerano (Gusubira mu Vyagezwe 31: 26).lesson06-04

 Guteg’amatwi abantu bigisha ko amategeko yahindutse, bakavuga ko isabato yasubiriwe na dimanche n’ukuzimira rwose (n’ukuyoba). Mbese none Kristu ntiyatwihanikirije ati: Ntimugire ngo naje gusenyura amategeko canke amajambo y’abavugishwa n’Imana. Sinaje kuyasenyura naje kuyashitsa. Ndababwira ukuri, gushika aho ijuru n’isi bizoviraho nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizova ku mategeko, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa. N’uko uwuzorenga ibwirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abandi ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Ariko uwuyitondera akayigisha iyo azokwitwa mukuru (Matayo 5: 17-19). artimage_428707_2911907_20100902162768 None ko tugira ngo Kristu yaje gusenyura amategeko,kandi ari vyo nyene atwihaniza? Mbese ko yaje kubishitsa, kuki tweho dutinya kubishitsa, tukabikwepa tukaja kwihisha muri za doctrines zadutse vuba? Ko yavuze ko bizomara imyaka nk’iyo ijuru n’isi bizomara, har’aho murabona ko ijuru n’isi vyavuyeho? Abakwigisha kurenga itegeko ry’Imana ngo n’uko ryoroshe, burya bazokubera abaavocat imbere y’intebe y’imanza? No kuba uwa nyuma mu bwami bw’ijuru ntugire ngo n’umunyenga. Kuko abazitwa abanyuma, nibo bazobwirwa ngo: Ni mumve i ruhande mwa bivume mwe muje mu muriro utazima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe (Matayo 25: 41). Imbere yo gukurikira ivy’abantu bigisha urabanza wibaze, ntuze ubone ibiguruka ngo uguruke nka vyo!

Umusi w’Imana twahawe na Data, ari nawo Kristu yubashe akawuhimbaza n’isabato yo ku musi w’indwi (samedi) (soma Luka 4: 16).  lesson07-08Isabato nico kimenyetso cerekana abantu b’Imana n’abatari bo, kuko Uhoraho yivugiye ati: Mweze amasabato yanje abe ikimenyetso hagati yanje namwe, kugirango mumenye yuko jewe nd’Uhoraho Imana yanyu (Ezekiyeli 20: 20) Magomeni+SDA+ChoirNico kimenyetso umumarayika yipfuza kudoma ku ruhanga rw’abasavyi (abagaragu) b’Imana bose imbere y’uko ivyago vya nyuma vyisuka ku bantu baba muri iyi si, kuko avuga ngo: Ntimugire ico mugira isi canke ikiyaga cank’ibiti, tutaradoma ikimenyetso mu ruhanga rw’abagurano b’Imana yacu. Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, abantu bafise ikimenyetso ca cagikoko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi ( Ivyahishuwe 7: 2-3, 16: 2).  Ko twamaze ubona ko isabato ari ikimenyetso hagati y’Imana n’abantu bayo, ntivyodutangaza rero dusanze dimanche nayo ibaye ikimenyetso hagati y’Umurwanizi n’abantu biwe.

N’uko rero  »Ivyo nivyo Uhoraho yavuze ati: Ejo uzoba umusi wo kuruhuka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho, ni mugende murondere ivyo mugomba, muteke ivyo mushaka, ibisagutse mubibike, mubiraze. Mu misi itandatu abe ariho ibikorwa bikorerwa,ariko ugira indwi n’isabsato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako; n’isabato yanje Uhoraho, yo kwitonderwa mu ngo zanyu zose (Kuvayo 16: 23; Abalewi 23: 3). Ivyo nivyo Kristu yari yamenyerejwe na Yosefu na nyina Mariya kuva akiri umwana, ngo bitwereke ko natwe mu ngo zacu dutegerezwa kuvyitondera tukabimenyereza abana bacu:  »Aja i Nazareti aho yakuriye, ku musi w’isabato yinjire mw,isinagogi, nk’uko yamenyereye… » (Luka 4: 16).  ORDINATION2002BWILLIAMSIntumwa Paulo, kugira ngo atwereke ko ar’intumwa idahemukira uwayitumye, nawe ako kamenyero yar’agafise.  »N’uko Paulo nkuko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana nabo ivyo mu Vyanditswe (Ivyakozwe n’Intunwa 17: 2).

Ntibigutangaze, n’aho nyene bibaye bishasha kuri wewe, kundira ijambo ry’Imana, wumve ko ejo uzoba umusi wo kuruhuka, w’isabato yarobanuriwe Uhoraho (Kuvayo 16: 23). Kandi rero hari n’imigisha wemerewe, mu gihe wohitamwo iki kimenyetso c’Imana arico sabato:  Ni wakura ikirenge cawe, ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wishakiye ku musi wanje wera, ariko ukita isabato umusi w’umunezero, mber’umusi wanje wera ukawita uw’icubahiro, ukawubaha ntukore ivyo ugomba, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa, n’uko uzonezererwa jewe Uhoraho, nanje nzoguha kugenda ujandagira mu mpingaz’imisozi yo mu gihugu, kandi nzogutungisha ishamvu ya sogokuruza Yakobo: kuko akanwa kanje jewe Uhoraho ariko kabivuze (Yesaya 58: 13-14). Reka ngende nkwibukije ko ishamvu ya sogokuruza Yakobo car’igihugu c’i Kanani ho mw’isi, kigereranywa structuremu buhanuzi na Kanani ho mw’ijuru. Ibi bivugako kwitondera isabato bivanze no kunezererwa ko tur’ubwoko bw’Imana, bituma tuhabonera n’ingwati yo kuba ba samuragwa b’ijuru muri Kristu, umwami w’isabato.

Hariho umurongo umwe abantu bagiye bitwaza mu gushaka gutembagaza urufatiro rw’intumwa n’abahanuzi, ngo Paulo yavuze ngo: Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushika ku musi wo gucungurwa (Abaefeso 4: 30). Uwu Mpwemu Yera yabwiwe abo muri Efeso ni Mpwemu wa Yesu, kandi ishengero ry’i Efeso ryahimbaza isabato, ntiryahimbaza dimanche. Kira noneho, Mpwemu Yera ntavuga kubiri na Yesu, kandi ntakora ibinyuranye n’ivya Yesu. Ntakora ibinyuranye na Paulo kandi. esprit-saint-colombe-2Niwe Mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe (Yohani 15: 26). Uwo ni yaza azohinyuza ab’isi abemeze ivy’icaha, n’ivy’ukugororoka, n’ivy’urubanza (Yohani 15: 26; 16: 8). Iki caha Mpwenu Yera yemeza ab’isi aribo banyamadini n’abapagani bose s’ikindi: Umuntu wese akor’icaha aba kora ivy’ubugarariji (aba arenze itegeko), kandi icaha nico mugararizo (kurenga itegeko) (1Yohani 3: 4). Nashize aya majambo mu tuzitiro kubera abantu batumva ikirundi neza: Kugarariza n’ukuvuga: Kurenga amategeko canke kugumukaarton1491. Tuvuge ko idini ryica itegeko ry’Imana naho ryoba rimwe, imbere y’Imana ryitwa idini ry’abagumutsi!!! Uwuvuga ngo ndamuzi ntiyitondere amategeko yiwe n’umubeshi ntakuri kuri muri we. Kuko ugukunda Imana kubonekera mu witondera amabwirizwa yayo (1Yohani 2:4; 5: 3). Mpwemu Yera rero abera ikimenyetso abumvira ivyo Imana itegeka, ntabera ikimenyetso abagumutsi. Yesu  nawe ntashobora guha agakiza abatamwumvira, kuko  » naho yar’Umwana yigishwa kumvira n’ivyo yababajwe, kand’amaze guhingurwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira (Abaheburayo 5: 9). Har’ivyo tugomba kwitondera. louanges-6Satani arashobora kutwemeza neza ko turi mu nzira y’ukuri, akatwigisha indirimbo nziza n’amasengesho meza, ariko akatwankisha urunuka amategeko ya Data. Afise n’imirongo ya Bibiliya yo kudutegesha,ngo atwifatire: Kandi ivyo ntibitangaza kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco (2Abakorinto 11: 14)

Kuko iryo shengero ry’I Efeso rero, ryari ryigishirijwe mu masinagogi y’Abayuda, yateranya amasinzi y’abantu kw’isabato (Ivyakozwe n’Intumwa 19: 8-10). Mu gihe Paulo yariko ararisezera asubiye i Yerusaremu, yararibwiye ati:  »mbaragije Imana n’Ijambo ry’ubuntu bwayo » (Ivyakozwe n’intumwa 20: 32). Birumvikana ko  mw’Ijambo ry’ubuntu bw’Imana ata dimanche yari 16_EL_GRECO_ST_PAULmwo, kuko i Efeso bari bafise ishengero rya rurangiranwa mu bugororotsi imbere y’Imana. Ariko Paulo yari yareretswe ko Satani yitegura kuryinjizamwo ibinyoma. Yavuze ati: Ndazi ko ni namara kuhava, amabingira y’inkazi azobinjiramwo atababaye ubusho. Kandi no muri mwebwe ubwanyu hazikwadukamwo abantu bavuga ibigoramye kugirango bakwegere abigishwa inyuma zabo (Ivyakozwe n’intumwa 20: 29-30). N’ayo mabingira rero yinjiye, akazana inyigisho Yesu n’intumwa n’abahanuzi batigeze bigisha ngo isabato yarasubiriwe n’umusi wa mbere w’imisi indwi ari wo dimanche. pape_avignon_benoit13Impamvu zose batanga sizo, ntimukazemere. Na birya bavuga ngo n’uko ariwo musi Yesu yazutseko, ntimukwiye kuvyemera, kuko uwo Yesu yazutse, ni we kandi yatugabishije ati:  Ntimugire ngo naje gusenyura amategeko (Matayo 5: 19). None abo abandi urwo ruhusha rwo gusigura ibintu uko bishakiye, ku buryo bunyuranye n’amategeko Yesu yubashe, intumwa zikayubaha, abahanuzi bakayubaha, ishengero rya mbere rikayubaha, n’abamarayika bakayubahiriza, urwo ruhusha barukuye hehe? Paulo yagabishije ishengero ryo muri Efeso ati: N’uko mwame mugavye, mwibuke ko namaze imyaka itatu ntasiba guhanura umuntu wese ndira (Ivyakozwe n’Intumwa 20: 31). Nanje ndabagabishije: Mwame mugavye, mwibuke ko maze iyi myaka itatu ndabigisha ntabahisha ivy’ubwami bw’Imana. hww_1

Ariko ntibibujijwe gukora ivyiza kw’isabato, mugabo ntitwobigira urwitwazo,kuko Imana irazi ivyiyumviro vyacu vyose. Malades-dans-un-hopital-en-RDC1Gutwara umurwayi kwa muganga, kugaburira uwushonje, kugemurira umunyororo n’umunyabitaro, gufasha umuvyeyi ari ku nda, kuzimya inzu uriko irasha n’ibindi bisa n’ivyo, nta tegeko ribibuza! Ni vyo Yesu avuga ngo: Isabato yabayeho kubw’umuntu ariko umuntu ntiyabayeho kubw’isabato. Nico gituma umwana w’umuntu ar’umwami w’isabato (Mariko 2: 27-28). photo_1286965366058-1-0Mur’aya majambo Yesu ntahanagura isabato, mugabo yanka ko tuyitwaza tukibagira ko turi abantu kandi ko dutegerezwa kwitaho abantu nka twe naho hoba kw’isabato. Hariho ibintu tutokwirengangiza nka birya navuze ngaho hejuru. Ivyo tutokora ni nko kwirirwa twiyubakira amazu, kwirirwa mu nganda, ku vyarahani, kurima, n’ibindi… ICGM-CYINTALE%20P.%20CHURCH-KISORO-CONSTRUCTION%201Oya n’umusi w’ikiruhuko wejejwe n’Imana. Yesu avuze ko ar’umwami w’isabato, n’ukuvuga ko ntayihanaguye ah’ubwo n’umwami wayo. Abanyuzwe n’umugararizo bo baca bashaka ngo bayihanagure canke ngo bayihindure. Yesu ntiyigeze avuga ivyo bintu baramubeshera. N’abavuga ngo bari musi y’ubuntu bwa Yesu gusa, baramenya ko ubuntu bwahawe abacumuzi, n’ukuvuga abarenga amategeko. Mu gihe isi n’ijuru bikiriho, ibi bintu bitatu navyo ntibizokurwaho: ITEGEKO, ICAHA, UBUNTU, kimwe ntigisiga ikindi; muvyige neza, mubisubiremwo.

Mugire isabato nziza mu Mwami Yesu rero. Amen!

Miburo Balthasar

labiblepriere @yahoo.fr

Les 10 commandements

I - • 3 Tu n’auras pas d’autres dieux devant ma face.

II - • 4 Tu ne te feras point d’image taillée, ni de représentation quelconque des choses qui sont en haut dans les cieux, qui sont en bas sur la terre, et qui sont dans les eaux plus bas que la terre. 5 Tu ne te prosterneras (1point devant elles, et tu ne les serviras point ; car moi, l’Eternel, ton Dieu, je suis un Dieu jaloux, qui punis l’iniquité des pères sur les enfants jusqu’à la troisième et la quatrième génération de ceux qui me haïssent, 6 et qui fais miséricorde jusqu’en mille générations à ceux qui m’aiment et qui gardent mes commandements.

III - • 7 Tu ne prendras point le nom de l’Eternel, ton Dieu, en vain ; car l’Eternel ne laissera point impuni celui qui prendra son nom en vain.

IV - • 8 Souviens-toi du jour du repos, pour le sanctifier. 9 Tu travailleras six jours, et tu feras tout ton ouvrage. 10 Mais le septième jour est le jour du repos de l’Eternel, ton Dieu : tu ne feras aucun ouvrage, ni toi, ni ton fils, ni ta fille, ni ton serviteur, ni ta servante, ni ton bétail, ni l’étranger qui est dans tes portes. 11 Car en six jours l’Eternel a fait les cieux, la terre et la mer, et tout ce qui y est contenu, et il s’est reposé le septième jour : c’est pourquoi l’Eternel a béni le jour du repos et l’a sanctifié.

V - • 12 Honore ton père et ta mère, afin que tes jours se prolongent dans le pays que l’Eternel, ton Dieu, te donne.

VI - • 13 Tu ne tueras point.

VII - • 14 Tu ne commettras point d’adultère.

VIII - • 15 Tu ne déroberas point.

IX - • Tu ne porteras point de faux témoignage contre ton prochain.

X - • Tu ne convoiteras point la maison de ton prochain ; tu ne convoiteras point la femme de ton prochain, ni son serviteur, ni sa servante, ni son bœuf, ni son âne, ni aucune chose qui appartienne à ton prochain. (Exode 20/3-17) //

artimage_428707_2911907_20100902162768

Ufise ikibazo? hamagara kuri 79321090

Abari i Ngozi, muhamagare kuri 79238062

Mu Kirundo ni kuri 79585735

Mu zindi ntara z’Uburundi: 79321090.

Publié dans:Non classé |on 21 janvier, 2011 |Pas de commentaires »

TWIGE IVYAHISHUWE 14: 6-13

UBUTUMWA BW’ABAMARAYIKA BATATU

 TWIGE IVYAHISHUWE 14: 6-13 wp623aabe7Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yatiriye ijuru (mu kirere) afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo kubarira ababa mw’isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga ati: Mwubahe Imana muyihimbaze kuko igihe c’amateka yayo( c’imanza zayo) gishitse, musenge Imana yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko (y’amazi).

ellenwhiteUmumarayika wundi wa kabiri akurikirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni cagisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino (inzoga) niyo burake bw’ubushakanyi bwaco (niyo burakari bw’uubusambanyi bwayo).

Umumarayika wundi wa gatatu akurikirako, avuga n’ijwi rirenga ati Ni hagira umuntu asenga cagikoko n’igishushanyo caco, akemera gushirwako ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, ni yo burake bw’Imana, yiteguwe, idafunguye mu gakarabo k’uburake bwayo (iteguwe y’umugahu mu kabindi k’ishavu ryayo). Kand’azobabazwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera (beranda) n’imbere ya wa Mwagazi. Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro, abasenze ca gikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco. Aha niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana (amategeko y’Imana) n’ukwizera nka Yesu.

Numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti Andika  uti : Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: Egome, ngo baruhuke ubutame bwabo (imiruho yabo), kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 6-13) 

Igihe twatangura kwiga ibi vyigisho, muribuka ko twatanguriye ku vyerekeye amashengero indwi. Mur’ayo mashengero indwi, murazi ko Yesu yayahaye ubutumwa butangurwa n’aya majambo ngo: Wandikire umumarayika w’ishengero ry,i… Ivyigisho vyose vyatweretse ko umumarayika ar’ukuvuga intumwa. Kuko mu kigiriki iri jambo rivugwa ngo  »angelo » niryo ryavuye mwo,  »angelus » mu kilatini, canke  »ange » mu gifransa. Rihuje n’irindi bita  »messager » mu gifransa. 1337312716Muri Bibliya y’igifransa yahinduwe na Louis Segond,  handitswe ngo: Il fait des vents ses messagers, des flames de feu ses serviteurs (Psaume 104:4). Mu kirundi handitswe ngo: Uhindura abamarayika bawe imiyaga, abasavyi bawe ubahindura umuriro waka. Mu kinyarwanda naho handitswe ngo: Agira abamarayika be imiyaga, Abagaragu be abagira imbeya z’umuriro (Zaburi 104: 4). Ubu butumwa turiko turiga rero, ntibuzovugwa n’abamarayika b’amababa, abamarayika bagomba kuburira ababa mw’isi ni jewe na wewe.  Mu gitabo c’Umuhanuzi Daniyeli handitswe ngo: Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu; niho ahantu hera hazobona guhumanurwa. Kandi ivyerekanywe vy’ubwira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ukuri, ariko ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kuko ari ibizoba haheze igihe kirekire (Daniyeli 8: 14, 26). Kandi umumarayika yareretse umuhanuzi Daniyeli ibizoba muri yo myaka 2300, anamubwira ko bigomba gutangura  »uhereye igihe itegeko ryo kuvyura no kwubaka Yerusaremu rizoshingwa (Daniyeli 9: 25). Soma neza Daniyeli 9: 25-27, uzosanga ubuhanuzi bugera mu gihe c’iherezo. Iyo uharuye neza, usanga turi mu gihe co co gucirwa imanza zanditswe mu gitabo co mw’ijuru, imbere y’izina ry’umuntu wese muri twebwe. Reka tuvyige neza: Itegeko ryo kuvyura no kwubaka Yerusaremu ryatanzwe mu mwaka wa 457 imbere ya Kristu. Kuva uwo mwaka, usanga imyaka 2300 irangira mu mwaka w’1844. Kandi abazi ivyerekeye amateka y’isi, ivyo abarundi bita  »Kahise », berekana ko uwaka w’1844 wabayemwo umuvyuro ukomeye mu vy’Imana, ku buryo amashengero menshi yari yiteguye ukugaruka kwa Yesu muri uyo mwaka. Ni murabe muri ibi bicapo nababoneye ukuntu ibintu vyagiye bikurikirana gushika muri 1844, murabe n’igihe tugezemwo nk’uko kivugwa n’intumwa Petero ngo:  Kuko igihe gishitse c’uko urubanza rutangirira mu b’inzu y’Imana: none ko rutangiriye kuri twebwe, iherezo ry’ abatumvira ubutumwa bwiza bw’Imana rizomera rite? (1Petero 4: 17).  Raba iki gicapo kugirango mubitahure neza. Naho kiri mu congereza, kirasobanutse neza.  Iki gicapo gitanga amatariki makuru makuru. lesson16-13Hagati ya 457 imbere yo  kuvuka kwa Yesu no mu mwaka wa 34 inyuma y’ivuka rya Yesu nyene, habaye ibi bikurikira:  

a- 457 imbere y’ivuka rya Yesu: Ku ngoma y’Abami b’Abamedi n’Abaperesi, niho umwami Arutazeruzi yategeka kwuba no kuvyura Yerusaremu. Imirimo yari iyobowe n’umuherezi Ezira (Soma Ezira 7, igice cose, na Daniyeli 9: 25-27).

b- Mu mwakawa 331 imbere y’ivuka rya Yesu: Hari ku ngoma y’Abami b’abagreki, ni muri ivyo bihe ubwo bwami bwigaburamwo ibice bine, buruhira gutemba. Ico gihe bwategekwa na Alexandre le Grand. Bwasubiriwe n’ubw’Abaroma bwakombowe muri 476 nyuma ya Yesu.

c-Mu mwaka wa 4 imbere ya Yesu (niko bawita), Yesu yaravutse.

d-Mu mwaka wa 34 inyuma yo kuvuka kwa Yesu, niho umudiyakoni Stefano yagandagurwa n’abayahudi. Muri ico gikorwa kibi, berekanye ko bahakanye icese agakiza kava muri Kristu, ariko imiryango yaciye ipfungurwa ku banyamahanga, ubutumwa bujanwa mw’isi yose (Ivyakozwe n’intumwa 8: 3)

e- Mu waka wa 538, niho ububasha bw’Ubupapa bwari bumaze kwiha akanyarigabo, bugarariza n’ivyanditswe, burogotwa no ku Mana. Dusoma muri Bibiliya aya majambo ngo: agahembe gatoya karakura, kaba rinini cane, ryerekera i bumanuko n’iburasirazuba no mu gihugu c’ubwiza. Rihinduka rinini ryagamba no mu ngabo zo mw’ijuru, mbere ingabo zimwe n’inyenyeri zimwe ribishiburira hasi,p6-tiara rirabisiribanga. N,uko ryigira agahambaye, mbere ryiringaniza n’umugabisha w’ingabo, rimunyaga ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uko bwije, inyubako z’ahera hiwe zirasangangurwa. Izo ngabo bo n’ico kimazi gihora gitangwa, bigaburwa mu maboko yaryo kubg’igicumuro. Ivy’ukuri ribishiburira hasi, maze rikora ivyo ryigombeye riratunganirwa (Daniyeli 8: 9-12). Iyi mirongo irasobanutse neza, nkako irangije ivuga ngo: Ivy’ukuri ribishiburira hasi, maze rikora ivyo ryigombeye, riratunganirwa. Mwirinde ivyo kuguma mw’ishengero kuko ribemerera gukora ibibaryohera, kugirango mutunganirwe. Ako n’agace mbaciriye.

f- Mu mwaka wa 1798 inyuma y’ivuka rya Yesu, niho intwazangabo y’Ubufransa Berthiaume yacirakw’iteka Papa Piyo wa VI, nirwo ruguma ruvugwa cane mu vyahishuwe rwoshoboye kwica ca gikoko, ariko ngo rwarakize (Ivyahishuwe 13: 3, 12, 17: 8).

g-Mu mwaka w’ 1844, niho ya misi 2300 yarangira. Nk’uko twavyize kuva kera, umusi wo mu buhanuzi ungana n’umwaka, kuko handitswe ngo: Umusi uzohwana n’umwaka (Guharura 14: 34). Dukurikije ubwo buhanuzi, dusanga ko kuva mu mwaka w’1844, ari ho imyaka 2300 yarangiye, ahantu hera (mu buturo bwera) habona guhumanuka. William Miller(yavutse kw’itariki 15 Ruhuhuma/gashyantare 1782, apfa kuri 20 Kigarama/Ukuboza 1849. Yigishije cane ubutumwa bwiza bwo kugaruka kwa Yesu muri iyo myaka y’umuvyuro.

Umupfasoni (umutegarugori) nawe yitwa Ellen Gould White  (Raba ifoto hariya hejuru, ku ntangiriro y’icigisho, n’urya mutegarugori arimo kwandika) yarakoreshejwe  n’Imana cane muri ivyo bihe. Ubutumwa bwavuzwe nawe hamwe N’abandi bakozi b’Imana muri ivyo bihe n’ubu bugenda bukwirakwizwa kw’isi yose.  Uyu Ellen Gould White yavutse kw’itariki 26 Munyonyo/Ugushingo apfa kw’itariki 16 Mukakaro/Nyakanga 1915, amaze imyaka 87. 

Murashobora kumbaza muti, none ko imyaka yageze kw’iherezo ryayo, ahera hagahumanurwa, kuki Yesu ataragaruka kujana ishengero? Raba ibisubizo: Iyo umuherezi mukuru yaba yinjiye mw’ihema ry’ibonaniro, kugirango atange impongano z’ivyaha vy’ubwoko bw’Imana, ntiyaca asohoka ubwo nyene, hariho imihango yagomba gukora. Ishengero ryose ryagomba gutegereza hanze kugera igihe azosohokera. Ntihaze hagire umuntu n’umwe agera mw’ihema ry’ibonaniro, igihe Aroni yinjira Ahera kubatangira impongano, gushitsa aho azoba asohokeye, amaze kwitangira impongano ubwiwe bo n’urugo rwiwe, no kuyitangira ishengero ryose ry’Abisirayeli (Abalewi 16: 17). Kuko Kristu atinjiye ahera cane hakozwe n’intoke h’ikigereranyo cah’ukuri, ariko yinjiye mw’ijuru ubwaho,

kugirango non’aduserukir’imbere y’inyonga z’Imana. Kandi nkuko abantu babikiwe gupfa rimwe hanyuma yaho hakaza amateka (gucirwa imanza), na Kristu n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishire kw’ivyaha vya benshi, azob0neka ubwa kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze. … Amaze gutanga ikimazi kimwe c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana, aherako arorera igihe abansi biwe bazohindurwa indava yo musi  y’ibirenge vyiwe (Abaheburayo 9: 24, 27-28 na 10: 12-13). Ico gihe Kristu arorereye n’igihe gikomeye cane, kizorangiza intsinzi yiwe neza neza. Si we gusa n’abamarayika barakirorereye kandi n’ivyaremwe vyose birakirorereye, n’abavugishwa n’Imana aribo bahanuzi bapfuye bipfuza kubona ico gihe (bafitiye amatsiko ico gihe). Ivy’ako gakiza, abavugishwa n’Imana, aribo bavuz’ubuntu mwagira muze muhabwe, barabirondera, bakabisesa, bases’igihe icarico n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yatagura ivy’imibabaro ya Kristo bitari bwabe, n’ivyiza vy’uburyo bwinshi bwagira buze buyiherukire. Kandi bahishurirwa yuko ataribo bavyikorera, ariko ko ari mwebwe babikorera, ni vyo none mumaze kubarirwa n’abababwiye ubutumwa bwiza bavugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw’ijuru: kandi ivyo abamarayika bipfuza kubirunguruka (babifitiye amatsiko) (1Petero 1: 10-12). Niyumvira yuko imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubwiza tuzohishurirwa. Kuko ivyaremwe vyiteze uguhishurirwa kw’abana b’Imana

 biguhahamiye cane.                                                

Kuko ivyaremye vyategetswe kuganzwa n’ibitagira ikimazi, kandi si vyo vyavyigombeye, vyategetswe n’Imana yashatse ko bimera gurtyo, kugirango vyizigire yuko navyo bizocungurwa, ngo ntibibe mu buja bwo kubora, ariko bizohabwa ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bw’abana b’Imana (Abaroma 8: 18-21).

Ba bantu bakunda kugenda baririmba mu nzira ngo barakijijwe, ndashaka kubibutsa ko abazitwa abakijijwe vy’ukuri ari abazokwemerwa muri uko gucungurwa guheruka, canke abashingirwa  intahe(abahamywa na Mwuka) na Mpwemu ngo: Hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Sindabigishije ko abashingirwa intahe( abemerwa) n’abantu aribo bakijijwe. Oya, n’abashingirwa intahe n’abemerwa) na Mpwemu. Bitabaye ivyo, ba bandi bandika abantu mu gitabo c’abatagatifu boba bari mu kuri rero. Ariko noneho siko biri, kuko ijambo ry’Imana ryerekanye ko atari ukuri, hahirwa abashingirwa intahe na Mpwemu, amen.  

Yesu ntiyigeze yigisha ko ivyo gucungurwa kwacu vyarangiriye ku musaraba. Yego yaravuze ngo: Birarangiye (Yohani 19: 30), kuko yariko arerekana ko Satani atsinzwe, ko abazokwemera kwihangana kugera ku rupfu nka Kristu, bazotsindira ubwami bw’ijuru. Ariko hari hasigaye ko abera bakomeza kwihangana muri Kristu.  Aya majambo nay’ukuri ngo: Ariko ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike (Luka21: 28). Aya majambo Yesu yayavuze yerekeza ku bimenyetso vy’ibihe vy’imperuka, arivyo tugezemwo. Dutegereje gucungurwa. Uwutavyemera ubwo nawe afise uwundi Kristu yizera, mugabo uwacu, ariwe intumwa n’abahanuzi bizera, uko niko yabivuze.

Nifatanije n’izo ntumwa n’abahanuzi, n’abavugabutumwa bose b’intahemuka kandi b’imvugakuri, nti:  Ni mwubahe Imana muyihimbaze, kukw’igihe co guc’imanza cayo gishitse. Ni musenge iyo Mana yaremy’ijuru n’isi n’ibiyaga n’amasoko. Ijambo ry’Imana ritubwira ko dusabwa kwama tuvyibuka ku musi w’indwi samedi, ndetse tukabigira nk’umusi mukuru mw’izina ry’Umuremyi wacu. Handitswe ngo: Wibuke kuziririza umusi w’isabato. Mu misi itandatu uze ukore, abe ariyo ukoreramwo imirimo yawe yose, ariko umusi ugira indwi, niwo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa  nakimwe ukora kuri uyo musi, wewe ubwawe, cank’umuhungu wawe, canke umukobwa wawe, canke umugurano wawe, cank’umuguranokazi wawe, cank’inka yawe, canke uw’iyambukira aba i wawe. Kuko imisi itandatu ariyo jewe Uhoraho naremeye mw’ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,nkaruhuka ku musi ugira indwi: nico catumye jewe Uhoraho mpezagira (mp’umugisha) uyo musi ugira indwi, nkaweza (Kuvayo 20: 8-11). Iri tegeko  ryitwa ikimenyetso c’Imana muri Bibiliya (Ezekiyeli 20: 20). Kandi biraboneka ko arico. Ni nka kurya iyo umutegetsi yanditse urwandiko rutegeka ivyo yipfuza, iyo agiye kururangiza, arudomako ikimenyetso (ikashe, ikidodo). Muri kashe haba harimwo izina ry’igihugu, n’Ubushikiranganji uwo mutegetsi akoreramwo. hagati muri kashe, ahashiramwo izina ryiwe n’umukono wiwe -signature. (akarorero: REPUBLIKA Y’UBURUNDI, Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, izina n’umukono)cachet. Itegereze neza mu mategeko cumi, usanga iryo ariryo rimwe ryujuje ibi mvuze, kandi niryo rishobora no gusenya Babuloni mw’izina rya Yesu. Gute? Muri iyo mirongo, harerekana aho ubutegetsi bw’Imana butegeka hose: Ijuru, n’isi, ikiyaga n’ibirimwo. Umurimo w’Imana: Iryo tegeko ryerekana ko Imana ari Umuremyi. Izina n’umukono w’Imana: Muri iryo tegeko, uzosanga izina ry’Uhoraho risubiwemwo gatatu: ngo jewe Uhoraho Imana yawe, jewe Uhoraho naremye ijuru n’isi, jewe Uhoraho Mpezahira umusi w’isabato. Umukono: Imana yawe. Gerageza gushakisha, nta wundi musi Imana yakoreye ibi bintu bitatu arivyo: Kuruhuka, Guhezagira, no Kweza. Soma neza kandi iryo tegeko urabe.

Ubu  butumwa bwiza buzovugwa buvanze n’amahoro n’umunezero bibonerwa muri Kristo Yesu, kandi buzosenya Babuloni n’abayihishamwo bose bagafatanya nayo. Kuko ubugabo bwa Babuloni, bushingiye kw’isabato yindi bwizaniye itari mu Vyanditswe Vyera. Ni wa musi wa mbere w’imisi indwi: dimanche, na vya bindi vyo kuvuga ngo ku cumweru ni yo sabato y’abakristu, ngo ni wo musi w’indwi wo mw’isezerano rishasha. Abandi bati twarakijijwe umusi ntaco utubwira, ngo Yesu ni we ngombwa. Abandi bati: Nivyo koko ndabona ko isabato ari iy’ukuri, ariko nzoyihimbaza ukwanje, sinshaka kuja mw’ishengero kuko bahava banyita umusabato canke umudivantiste. Uretse ko nkumbure woba wagiriwe ubuntu budasanzwe, ubundi nta muntu ahimbaza isabato wenyene ngo abishobore. Uhoraho aravuga ati: Ku musi ugira indwi n’isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera (Abalewi 23: 3). Paulo yavuze ati: Ku musi w’isabato turenga irembo ry’igisagara, tuja ku ruzi, dukekako hobayo ahahora hasengerwa. Turicara, tuyaga n’abagore bahakoraniye (Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13). Ushobora kuba udakunda abadivantiste canke abayahudi n’abarokore, izo n’ingorane zawe. Ariko ntiwoca urenganya Imana ngo n’uko ijambo ryayo ryemewe n’abadivantiste hamwe n’abayahudi n’abandi. Ah’ubwo mbona ko war’ukwiye kunezerwa n’uko wahora wanka umuco, ukaba noneho uwubonye, ukava mu mwijima, Alleruya!!!

Ariko rero bakobwa b’i Babuloni, ngo igipfa kiburiwe n’impongo: Ibi tuvuga ntivyanditswe n’abasabato canke abadivantiste, ntivyanditswe n’Abayuda canke abarokore. Uwo Yesu muvuga ko yababohoye kw’isabato, niwe abahakanira ati: N’uko uwuzorenga ibwirizwa narimwe ryoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abandi ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Ariko uyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru (Matayo  5: 19). Wohava umbwira uti: none mbaye muto hanyuma y’abandi, ariko nkaba ndi mubwami bw’Imana, ikibazo se coba kiri hehe? Igisubizo: Kwitwa muto mu bwami bw’Imana, niko kuba mu kibanza ca nyuma. Kandi Yesu aravuga ati: Kandi hari ab’inyuma bazoba ab’imbere, nab’imbere bazoba ab’inyuma (Luka 13: 30). Kuri abo bazoba ab’inyuma ngo  »aho niho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo (Luka 13: 28). Bite se kandi kandi yavuze ko hazoba ari mu bwami bw’Imana? Yego nyene. Erega n’uwo muriro bazojamwo nawo wacanywe n’Imana, ntiwibaze ngo n’umuriro  wadometswe canke waremwe na Satani. Muri Bibliya y’ikinyarwanda dusoma ngo: Uwiteka yahagize hagari (hanini), ikome ryaho(icokezo caho) n’umuriro w’inkwi nyinshi, umwuka w’Uwiteka umeze nk’umugezi w’amazuku ariwo urikongeza (uridomeda) (Yesaya 30: 33) Kuko Satani nta kintu na kimwe yaremye, akazi kiwe n’ukonona ivyaremwe gusa. N’uwo muriro urumvako wacanywe n’Imana.  Handitswe kandi ngo: Maze azobwira n’abari i bumoso, ati Mva i ruhande mwa bivume mwe, muje mu muriri utazima, wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe(Matayo 25: 41). S’Umurwanizi yawuteguye, ahubwo yarawuteguriwe.gehenne Umurwanizi n’ukuvuga  »Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Imana » umu opposant. Aho hazotsindagirwayo abadafise ca kimenyetso c’Imana, kuko bazoba bahisemwo ikimenyetso c’inyamaswa.

Abasenyeri  bakomeye muri Ekleziya Gatorika baravuze aya majambo ngo: Ekleziya Gatorika, ibitewe n’amabanga yashinzwe n’Imana, yarakuye icubahiro ku musi w’indwi (samedi) igishira ku musi wa mbere, vyabaye imbere y’imyaka irenga 1000, imbere y’uko haboneka umuprotestanti n’umwe (Catholic Mirror, septembre 1893). gibbonsEgome, Ekleziya Gatorika iremeza ko ariyo yahinduye ivyo. Ni naco kimenyetso c’ubutegetsi n’ubugabo bwayo mu vyerekeye iyoboka Mana (C. F. Thomas, chancellier du Cardinal Gibbons).

Iyi ni ifoto ya Cardinal Gibbons

Umve rero twumvikane: Ni hagira umuntu asenga cagikoko, akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, niyo burake bw’Imana, yiteguwe idafunguwe mu gakarabo k’uburake bwayo. Kand’azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi. Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro, abasenze cagikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco (Ivyahishuwe 14: 9-12).

Gushirwa kw’ikimenyetso caco mu kiganza canke ku ruhanga, bivuga ngo gupfa gukora ivyo wigombeye n’amaboko yawe ku musi wayo wera, ariwo w’indwi, samedi (Yesaya 58: 13, Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15). Mu ruhanga, n’ukuvuga ko ushobora kuba wiyemeza n’ubwenge bwawe bwose kugarariza, kugomera iryo tegeko ry’Imana, wishimikije idini, ubukene, canke gutinya gupfa n’ibindi…

Abantu batari mw’ishengero Gatorika ry’i Roma, iyo bifatanije naryo mu kweza dimanche bishimikije inyigisho z’amangetengete yazanywe n’abayobozi b’ayo madini, baba baremye igishushanyo c’inyamaswa. Nico gituma ubu butumwa butunga urutoke abasenga inyamaswa n’igishushanyo cayo, mu misi y’iherezo. N’ukuvuga abakunda inyigisho z’Ekleziya Gatorika canke z’Abaprotestanti b’iki gihe, bakazirutisha iziri mw’Ijambo ry’Imana.  Nico  gituma ubu butumwa bwiza buvuga buti: Nta mukobwa, nta nyina, bose ni kimwe (Ezekiyeli 16: 44). Wibuke ko mu cigisho giheruka twize ko Bibiliya yerekana ko bariya bera ibihumbi ijana na mirongwine na bine batandujwe n’abagore(Ivyahishuwe 14: 4). Twarasobanuye ko abagore basobanura amashengero nkuko Bibiliya ibivuga (1Abakorinto 11: 2, Abagalatiya 4: 24-31).

Amadini ya gipagani yose azoruhira kuvangwa n’ayabakristu yaguye. Kandi nico amanama ya Oeucuménisme ashaka kugerako.

Hariho abantu baharaye kuvuga ngo: Dukundane gusa, ivyo birakwiye kuko Imana n’imwe. Abandi bati: Kwigisha ijambo ry’Imana n’ukuzana ibice bitandukanya abavukana. Iyo s’imvugo yo muri Mpwemu, n’iy’abadayimoni. Kuko Ijambo ry’Imana rivuga ko hari abasenga Imana n’abasenga ibigirwamana (Zaburi 115: 2-9). Nta nyigisho yerekeye kugiriranira ubumwe n’abatubaha Imana iboneka muri Bibliya, ah’ubwo handitswe ko tugomba kubatwara neza (kubagusha neza ) tukabereka Kristu yababambiwe ku musaraba. Handitswe ngo:

Mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo no kuvyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye(1Petero 2:12). Ni muve hagati ya ba bandi, mu bitandukanyeko, niko Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe, nanje nzobakira, kandi nzobabera So, namwe muzombera abahungu n’abakobwa, niko Uhoraho ashobora vyose agize (2Abakorinto 6: 17-18)

Ndavyigisha, ariko nziko bitoroshe kubigumya (kubikomeza). Ariko uko vyoba kwose, ntutinye ivyo ugiye kubabazwa. Eh’uwo Murwanizi azoshira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi icumi. Wame uyoboka gushitsa gupfa, nanje nzoguka urugori rw’ubugingo (Ivyahishuwe 2: 10). Raba inkuru yerekeye ukuntu uwu mukristu bariko baramwica urw’agashinyaguro kubera izina rya Yesu. Vyabaye vuba cane muri Turquie. Fyonda kuri: tp://www.paperblog.fr/1661933/la-turquie-persecute-ses-chretiens/ La Turquie persécute ses chrétiens 

Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara gutsinda, azokwambikwa urugori rw’ubuzima, rumwe Imana yasezeranira abayikunda (Yakobo 1: 12). Kandi rero: Aha niho ukwihangana kw’abera kubonekera. Bitondera amategeko y’Imana, bakagira no kwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Uyu murongo, reka ndawushire mu kirundi gisanzwe: Aha niho ubugabo bw’intore z’Imana bubonekera, bitondera amategeko y’Imana, bagahagarara nk’abagabo nka Yesu. Ni vyaba ibi uvyumvise neza, kandi ukaba wiyemeje kubikurikiza, naho wopfa uyu musi nta rubanza rwoba rukuriko. Nuko rero noneho abari muri Kristu Yesu nta rubanza ruzobatsinda (Abaroma 8: 1) Kandi burya ngo: Urupfu rw’abakunzi b’Imana, rugira agaciro karekere mu maso yayo (Zaburi 116: 15) comingpersecution

N’uko rero umenyeko, Hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: egome, ngo baruhuke ubutame bwabo, kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 13).

Mbese ibintu uriko urakora muri iyi misi bigukurikiranye, ubona vyoguhesha agaciro imbere y’intebe y’Imana? Canke vyogukoza isoni?

Imana ikugirire neza mwene Data, iguhe kurwana utsinda, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

ANDIKA IVYO WIBAZA VYOSE KURI IKI CIGISHO NGAHA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans:Non classé |on 18 janvier, 2011 |1 Commentaire »
12

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire