KUKI AMASENGESHO MENSHI TUYARANGIZA TUVUGA NGO: MW’IZINA RYERA RYA YESU, AMEN?

MW’IZINA RYERA RYA YESU

N’ukuri n’ukuri ndababwire: Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw’izina ryanje.KUKI AMASENGESHO MENSHI TUYARANGIZA TUVUGA NGO: MW'IZINA RYERA RYA YESU, AMEN? image028 Kugeza ubu ntaco mwasavye mw’izina ryanje: musabe muzohabwa, ng’umunezero wanyu wuzuzwe. Kur’uwo musi muzosaba mw’izina ryanje, kandi simbabwira ko nzobasabira Data. Kuko Data nawe ubwiwe abakunda, kuko mwankunze, kandi mwizeye ko naturutse kwa Data (Yohani 16: 23-24, 26-27)

Aya majambo tumaze gusoma arerekana ko Yesu na Data ar’Iman’imwe.Na Mpwemu Yera araboneka mur’aya masezerano. Nagira ngo mbwire abasomyi bacu bose biga ibi vyigisho, ko iyo Bibliya ivuze ivyerekeye gusenga, iba ivuze ko Mpwemu Yera ari muzima mu bantu b’Imana, a_famille_en_prierekuko ata muntu ashobora kuvuga ati Yesu n’Uhoraho, atabivugishijwe na Mpwemu Yera (1Abakorinto 12: 3). Niko  na Mpwemu adufasha mu ntege nke zacu: kuko tutazi uko dukwiye gusenga, ariko Mpwemu ubwiwe aradusengera, aniha iminiho itovugwa (Abaroma 8: 26). Uwo Mpwemu niwe adukangura ngo dusabe Data ico dushaka cose mw’izina ryera rya Yesu. Igihe intumwa zari kumwe na Yesu, ntizari zizi gusaba mw’izina ryera ryiwe, kuko ntivyari binakenewe. suivre_JesusNico gituma Yesu avuze ati: Kugeza ubu ntaco mwasavye mw’izina ryanje (Yohani 16: 24) Bo bagendana nawe, bakamubona, naho nyene yari yambaye umubiri w’abantu, yar’Imana, Data yari muri we, kandi Mpwemu wa Data ni we yamushoboza vyose. Nico gituma Paulo amwita ng0 ni Mpwemu wa Kristu, atugira abana b’Imana vy’ukuri. Mpwemu ubwiwe abwiririkanya n’impwemu yacu, ar’icabona, yuko tur’abana b’Imana. Ariko ko tur’abana bayo, turi ba samuragwa hamwe na Kristu, namba twemera kubabazanywa nawe, ngo tuze dusangire ubwiza nawe. (Abaroma 8: 16-17). Ariko iy’umuntu adafise Mpwemu wa Kristu ntaba ar’uwiwe (Abaroma 8: 9).5121975

Ko ur’uko bimeze rero, jewe nawe tukaba tur’abana b’Imana kubwa Yesu-Kristu, kandi na Mpwemu Yera akaba ariko arabitwemeza mu kwizera dufise muri Yesu, guhera ubu ntimwanjanjwe ku masezerano nkayo y’akataraboneka: Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw’izina ryanje (Yohani 16: 23). Muze muririnda abantu badukana ayandi madini bigisha ubundi bukiriro budashimikiye muri Yesu. Nta muhanuzi yigeze kuvuga amajambo meza nkayo ngo : Ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibaha. Aya n’amajambo ava mu kanwa k’Umwami w’abahanuzi. Nico catumye abategetsi batuma kumufata. Abari batumwe barajumarara. Basubiye ku bategetsi babo nabo barababaza bati: Ko mutamuzanye?. Barabishura bat’Erega ntihigeze haboneka umuntu avuga nkawe (Yohani 6: 45-46).  

Abashaka guc’intege ubwoko bw’Imana ni benshi kandi bazokwama bavuga ko kwizera Kristu ar’ukuzimira rwose. Kuko bishimikije amangetengete yateguriwe mu bwami bw’umwijima, aribwo bwa Satani. Ariko Mpwemu Yera yafashe aba bagabo bari baje gufata Yesu, baba aribo batangura kumurwanirira bati: Ntihigeze haboneka umuntu avuga nkawescan0022. Uwo Mpwemu ni we azokomeza kwinginga mu mitima y’abo bantu bihaye gutwenga no kusuzugura abizera Kristu. Azobonginga gushika no ku musi wanyuma, kandi hariho bamwe muri bo bazisubirako bakemera ko Kristu ar’Umwami. Mbere ni muze tubisengere, kuko amasezerano y’Imana ntiyibesha, ico tuzosaba Data cose mw’izina rya Yesu azokiduha, bamurwanya bazohindukira bamurwanirire.

None rero, musabe muzohabwa kugirango umunezero wanyu wuzuzwe (Yohani 16: 24). Imvura yabuze, ingwara n’ubukene vyateye, canke mu nzu i wacu bitagenda neza, mu kazi canke mw’ishure vyifashe nabi, ubwoba bwo gupfa bugutekeye,femme-angoissee ni waba ufise inda utazi uko izovuka, canke waravyaye ukaba utabona ico uzotungisha abana, uri mu rugendo utazi ko uza gushika iy’uja, n’ibindi ni bindi,dyn002_original_523_392_pjpeg__ab97fbf29cf563d3cfa22bbaa5f39783 ja wibuka aya masezerano ngo: Musabe muzohabwa, kugirango umunezero wanyu wuzuzwe. Kuko Data nawe ubwiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana (Yohani 16: 27). Kuki none utotangura uwu musi nyene, ukaba umuntu w’umunyamasengesho?

Impamvu z’ukuri rero zituma duheraheza isengesho ryose dukoresha aya majambo ngo: mw’izina ryera rya Yesu, canke kubwa Yesu-Kristu, umwami wacu, abandi ngo Kubwa Yezu-kristu umwana wawe n’Umukama wacu, n’ukubera ko ata sengesho rishobora kugera ku ntebe y’imbabazi ridaciye kuri Yesu-Kristu. Kuko Data mu kutwakira akatwemera, n’uko yitegereza umwana wiwe yatubereye incungu ku musaraba, christcrossakatubonera muri we, maze ivyo tuvuga vyose, Mpwemu w’Imana ariwe wa Kristu, avyereka Data nkaho vyoba bivuye muri Kristu nyene. Iyo upfukamye usengera umwana wawe ariko araguhwererana, iyo usengera ingorane iz’arizo zose, Mpwemu ahereza amasengesho yawe, nkaho yoba ari Yesu nyene apfukamye imbere y’Imana ayiganyira. Burya kugendera muri Kristu no kumwiyegereza muri vyose, birafise akamaro kanini, kuko nikwo kugendera mu bugingo budahera, ariko abagendera kure yiwe bagendera mu rupfu.71096613chemin-croix-image3-jpg N’uko ko dufise umuherezi mukuru akomeye, yaciye mw’ijuru, ni Yesu Umwana w’Imana, tugumye ivyo twizera tubivuge tutabitinya. Kuko umuherezi mukuru dufise atar’uwudashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko yarageragejwe mu buryo bwose nkatwe, yamara we nta caha yigeze akora. N’uko ni twegere intebe y’ubuntu dushize ubwoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bwo kudutabara mu gihe gikwiye (Abaheburayo 4: 14-16).

Turahiriwe muri Yesu-Kristu, Umwami wacu. Amen!

Mu cigisho kizokurikira, tuziga ivyiza biva mu gusengera hamwe n’abandi.

Publié dans : Non classé |le 11 décembre, 2010 |1 Commentaire »

Vous pouvez laisser une réponse.

1 Commentaire Commenter.

  1. le 20 juillet, 2011 à 15:54 SINZOYIBAGIRA écrit:

    Imana nyen’ubuntu ibampere umugisha Kub’amajambo meza Mpwemu yera yabashoboje kwandika,nguyu musi rimpembure.Ndakwinginze ngo wumve ukundi gushasha iri jambo ngo:N’uko ko dufise umuherezi mukuru akomeye, yaciye mw’ijuru, ni Yesu Umwana w’Imana, tugumye ivyo twizera tubivuge tutabitinya. Kuko umuherezi mukuru dufise atar’uwudashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko yarageragejwe mu buryo bwose nkatwe, yamara we nta caha yigeze akora. N’uko ni twegere intebe y’ubuntu dushize ubwoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bwo kudutabara mu gihe gikwiye (Abaheburayo 4: 14-16).
    Turahiriwe muri Yesu-Kristu, Umwami wacu. Amen!

    Neza na neza mpwemu w’Uhoraho arandemuruye,numva ndamukunze kandi vraima.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire