Archive pour décembre, 2010

INKURU YA ZAKAYO, UMUTOZAKORI (III)

INKURU YA ZAKAYO, UMUTOZAKORI (3)

Yesu ahashitse ararangamiza, aramubarira ati, Zakayo, ururuka vuba, kuko uyu musi nkwiye kurara i wawe. Yururuka vuba amwakira akanyamuneza (Luka 19: 5-6)INKURU YA ZAKAYO, UMUTOZAKORI (III)

Umwami Yesu akora ikintu cose ku gihe caco.

Muri kino cigisho, muri kumwe n’imunyavyaha yagiriw’ubuntu, akaba na mwene So musangiye intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo.

Zakayo yaragiye yicara mu giti, ararindira ko Yesu ahashika. Yesu ahashitse ararangamiza (Luka 19: 5). Burya ikintu cose cashingiwe igihe caco, kandi igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco: har’igihe… co gucereza n’igihe co kuvuga (Umusiguzi 3: 1, 2, 7). Ariko naho Imana yashingiye ikintu cose igihe caco, har’igihe abana b’abantu bahitamwo kubuza Imana ko ikora ivyo yagambiriye.

Mu gihe Yesu yarangamiza, n’ukuvuga ko igihe ciwe co kurangamiza akaraba Zakayo cari gishitse. Aramubarira ati: Zakayo, ururuka vuba, kuko uyu musi nza kurara i wawe (Luka 19: 5). Umukristu w’iki gihe yifitiye akazi kiwe, akaba yifitiye ibicuruzwa vyiwe, canke imirima yiwe, yohava yishura Yesu ati: Ko nashaka kukubona, none nkaba ndakubonye, i muhira i wanje uza kuhakor’iki untesha akazi kanje? Ibi vyarashitse kenshi cane. Abakristu benshi baja mu misa canke mu materaniro yo gusenga. Uwuyoboye iteraniro yabasomera ijambo ry’Imana, bakwumva rikoze kuri ka kantu kabo bicayeko mu mutima. Aho kukareka ngo bakire ubwiza bwa Yesu buje kubamurikira, bakavuga bati: Umva nzi ko nd’umugatorika, nziko nd’umuporo, nd’umubatiste, nd’umupentekote, nd’umwanglican, nta kindi kindi nzahindura. Yamara uwo mupadiri canke uwo mupasitori, burya Imana iba imukoresheje kugira ngo agusomere ako kajambo ngo nawe ugire ico wibwira. Kenshi abapadiri n’abapasitori bakunda gusomera amajambo y’Imana abantu, abayumvise bakagira ico bibaza bagahinduka, ariko padiri na pasitori bakaguma kwa kundi bo ntibahinduke. Vyose ni kimwe, ar’uwasomye ntahinduke, ari n’uwasomewe nawe ntahinduke,bose bafise ingorane. Ariko uko biri kwose, burya n’ukuba utavyitaho neza ngo uvyiyumvire, ni Yesu ubwe aba ashitse iruhande yawe kuri irya ntebe wicayeko, akarangamiza, kakubarira ati: Ururuka vuba, kuko nshaka kurara i wawe uwu musi.

Zakayo yari gushobora kwanka kwururuka, kuko uwo yashaka yari yamubonye: Handitswe ngo: Agerageza kuraba Yesu ngo amenye uko asa. None nyene ko yari yagerageje, bigakunda, akaba yar’amaze kuraba Yesu mu maso, akabona ukw’asa, igisigaye car’igiki? Ivyo vyo kujanana Yesu muhira i we, ntivyari mu mutwe wa Zakayo.  Kandi Zakayo iyo yanka kwururuka Yesu yari kubandanya urugendo rwiwe, kuko ngo ngaho i Yeriko, yariko arahaca gusa (Luka 19: 1), siho hari hamuzinduye. Erega na wewe umaze kwumva ijambo ry’Imana ukanka guhinduka wishimikije ivyawe, nibizobuza ko Yesu abandanya inzira yiwe akaja gukiza abo hakurya.

Burya abakristu bamaze guhura na Yesu mu bugingo bwabo, bagahuza amaso nawe mu buryo bwo kwizera, bahita bumva igishika co kumuzana no mu ngo zabo, mu kazi kabo, no mu buzima bwa misi yose, akabahindura bakaba abagabo canke abagore bagendera mu mayira y’umwami Imana, atari mw’idini gusa. Bakaba abasore n’inkumi badakina n’ivy’isi, ariko bipfuza gushimisha umwami Yesu yabacunguye. Abana nibo bakunda kwerekana neza ko bakijijwe, kuko baca bakoranya bagenzi babo, bakiririmbira indirimbo z’agakiza gusa, kandi ni gake abana bagira isoni zo kuvuga ubutumwa bwiza. Abo bantu rero, nibo Bibiliya yita Abakijijwe canke abacunguwe n’Uhoraho:  (Yesaya 35: 10; 51: 10-11). Ibi ntibivuze ko bariya bapadiri, bariya bapasitori canke bariya bakristu bandi bishinga kwicara ku ntebe z’urusengero, bagasoma ijambo ry’Imana nk’abandi ariko ntibahinduke, ko nabo batakijijwe. Oya, nabo nyene Yesu yarabakijije. Itandukaniro ry’abo n’abo Bibiliya yita abakijijwe, n’uko abo bakijijwe kandi bakemera kwishimira agakiza bahawe na Yesu, bakavyerekanisha ukwihana ibikorwa bibi. Ntibishimira amadini n’amashengero, bishimira Imana yo ibabwira iti: Ni muntumbere mu kizwe, mwa mpera zose z’isi: kuko ari jewe Mana nta yindi (Yesaya 45: 22). Nta shengero, nta dini, Imana niyo ikiza gusa. Benshi muri bo barasohoka mu mashengero basanzwemwo, abandi bakarema imirwi yo kwiga ijambo ry’Imana no gusenga, kugira ngo Umwami Yesu abandanye kubihishurira vy’ukuri. Ivyo ni vyiza, kuko Imana yipfuza k0 tuyishaka n’umutima wacu wose. Yavuze iti: Muzondondera kandi muzombona, nimwandondeza umutima wanyu wose (Yeremiya 29: 13)

Iman’ishimwe kuko yifitiye mur’iyi isi ishengero ryayo: Aho niho ukwizera kw’abera kubonekera, bitondera amategeko y’Imana, bakagira no kwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12).

Bava aho bari bicaye, nkuko Zakayo yavuye mu giti yari yicayeko, bakaza kwakira umwami Yesu mu vyabo no mu mazu yabo, mu mitima yabo. Kwicara ku giti gusa ntivyari gukiza Zakayo, naho nyene ico giti cari camufashije kubona uko Yesu asa nkuko yavyipfuza. No kuguma mw’idini canke mw’ishengero ntivyogukiza, naho nyene vyagufashije kumenya Yesu no gufata imirongo ya Bibiliya mu mutwe. None wobigenza gute, kugira ngo nawe ukizwe vy’ukuri nka Zakayo? Ni vyo tuziga mu cigisho c’ejo. Ntuze usibe.

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Publié dans:Non classé |on 31 décembre, 2010 |Pas de commentaires »

IJAMBO RY’IMANA RYO MURI IKI GITONDO

Muri iki gitondo co ku wa 31 Kigarama /Ukuboza, ijambo ry’Imana rirakwibutsa ko: 

Umuntu yavyawe n’umugore,

amara imisi mike kandi adundubiwe n’amagorwa

(Yobu 14: 1)

 IJAMBO RY'IMANA RYO MURI IKI GITONDO  Sant%C3%A9-en-Afrique_Le-paludisme-est-lune-des-maladies-les-plus-meurtri%C3%A8res-pour-les-enfants-ag%C3%A9s-de-moins-de-cinq-ans

N’uko rero uce bugufi imbere y’Imana yawe,

ugendane na yo, kandi wame witeguye,

kuko igihe co kugaruka kwa Yesu kiri hafi.

Publié dans:Non classé |on 31 décembre, 2010 |Pas de commentaires »

INKURU YA ZAKE, UMUTOZAKORI (II)

INKURU YA ZAKE, UMUTOZAKORI (2)

Ageza kuraba Yesu ngo amumenye, bimwankira kubw’ishengero kuko yari mugufi. Arirukanga yurira igiti citwa umusukomora/umuvumuvumu ngw’amurabe (Luka 19: 3-4)INKURU YA ZAKE, UMUTOZAKORI (II)

Mwaramutse mwese. Tugiye kubandanya icigisho cacu twatanguye ejo. Ni muce bugufi dusenge: Data mwiza ugir’ubuntu kandi utangaje, ndagusavye ngo aka kanya kambere akanya keza ko guhura n’ubuntu bw’Imana, mur’iki gihe ndiko ndagerageza kubonera Yesu muri iri jambo ryiwe nka Zake umutozakori. Ndakwinginze ngo Mpwemu wawe abane nanje mur’iki cigisho, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Uwu murongo wo muri Luka 19: 3, utanguye uvuga ngo: Agerageza kuraba Yesu. Ibi vyerekana ko yar’afise ugushaka ko guhura n’umwami Yesu, kandi yari yarumvise ivyiwe, kuko abandi batozakori bategekwa na Zake, bari baramaze guhura n’umwami Yesu, ariko we  ashobora kuba yagize ivyamubujije kuja kuraba  Yesu. Nkumbure n’ukuberako ari we yar’umukuru w’abandi batozakori? Ntawubizi.  Ubutumwa bwiza bwanditswe na Matayo buvuga buti: Yesu ahavuye, abona umuntu yitwa Matayo, yicaye aho yatoza ikibuguro. Aramubarira ati: Nkurikira. Ava hasi aramukurikira. Kandi Yesu acicaye mu nzu ariko ararya, haza benshi mu batozakori n’abanyavyaha, basangira na Yesu n’abigishwa biwe. Abafarisayo babibonye babaza abigishwa biwe bati: N’iki gitumye umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abanyavyaha? Avyumvise aravuga ati: Abakomeye ntaco bagombera umuvuzi atar’abagwaye (Matayo 9: 9-12). Biraboneka ko uwo musi, Shebuja w’abatozakori, ariwe Zake ko atariho yar’ari. Kuko Luka yatubwiye ko Zake yar’akigerageza kubona Yesu.

Ariko ngo vyagiye kumwankira kuko yari mugufi. Mu vy’ukuri ubwo bugufi ntaco bwari bumutwaye, kuko sibwo bwamubujije kuraba Yesu nkuko yavyibaza. Oya, yabujijwe n’ishengero ryabandana hirya no hino ya Yesu. Yesu, yari yabonye ko ikibazo ca Zake kidahagaze ku bugufi canke uburebure, Yesu ahashitse, ararangamiza, aramubarira, ati: Zakayo ururuka vuba kuko uyu musi nkwiye kurara i wawe (Luka 19: 5). Jesus-ZacheIkintu ca mbere na mbere Yesu yakoreye Zake n’ukumukura mu rwinshi, aca amanukana nawe i muhira. Kuko ingorane za Zake zo kutabona Yesu zari zavuye kw’ishengero rikigakiga Yesu. Yesu amaze kumukiza urwamo rw’ishengero yamuganirije neza, barumvikana, aramukiza. Kandi Yesu yar’afise ako kamenyero ko gukura abantu mu rwamo, akabavugisha mu kiherero. Turasoma ahandi ngo: Bamuzanira igipfamatwi kidatobora neza, baramwinginga ngo akirambikeko ikiganza. Agikura mw’ishengero aracihererana, agishira intoke mu matwi, acira amate agikora ku rurimi. Ararangamiza, araba mw’ijuru, yitsa umutima, arakibarira ati Efata, risbanurwa ngo: Zibuka. Amantwi yiwe arazibuka, inkingi z’ururimi zirabohoka, avuga neza (Mariko 7: 32-35).

Yesu ntiyahinduye ubugufi bwa Zake, ariko yamweretse aho ingorane zihagaze, amukura mw’ishengeroprayer-thumb-400xauto-14607 ryari ryamubujije kubona umwami. Na kirya gipfamatwi, Yesu yagikuye mw’ishengero kugirango cumve neza ijambo Yesu aza kukibaza, kuko biragoye kwumva ijambo utabimenyereye, na cane cane mu rwamo rwinshi. Wosanga ari naco gituma iri jambo rigushikiriye mu kiherero uri wenyene, kuko biragoye kuryumva no kuribika mu mutima  mu gihe urironkeye mu rwamo. Yesu arashitse aho wicaye nawe rero, ararangamiza, arakubwira ati:  Ururuka ningonga. Va mur’ivyo kuko uwu musi ndara i wawe. N’uko rero, ni mwumvirizeho, mumenye yuko Uhoraho aryoshe (Zaburi 34: 8). Bamwe muhora mubiririmba ngo: Mwumvirize murabe ingene Umukama ari mwiza! Ntiwumva se ko ariko arashaka kugukiza ingorane zikubuza kubona ubwiza bwiwe.

Har’abantu benshi muri iki gihe basa n’abagendanira Yesu, ariko bafise ibindi bibasamaza mu mitima yabo. Bivugira ivyo bishakiye bagasamaza n’abashaka gukizwa na Yesu. Abo bantu barabuza abashaka kubona ubwiza bw’umwami Yesu, canke abashaka kwumva ico Yesu avuga. Niho yavuze ngo: Mwa ndyarya mwe, mwugarirana ubwami bwo mw’ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubwinjiramwo ubwanyu, n’abagomba kubwinjiramwo ntimubakundira (Matayo 23: 13).

Wumva wipfuza kubona ubwiza bw’umwami amaso mu yandi kuri wa musi azoboneka ku bicu? Wumva wipfuza kuzoba ufise amatwi azibutse neza ashobora kumwumva kuri wa musi aho azovuga ngo: Nimuze, mwebwe abo Data yahezagiye (Matayo 25: 34)

Tangura uwu musi ugerageze kumushaka mu mutima wawe nka Zake.

Ejo naho tuzoraba ukuntu akazi n’ubutunzi vyari vyarabereye Zake intambamyi.

IKI CIGISHO NI CABA KIGUFASHIJE, NI WANDIKE UKO UCUMVA HARIYA HEPHO HABIGENEWE.

Publié dans:Non classé |on 30 décembre, 2010 |Pas de commentaires »

INKURU YA ZAKE, UMUTOZAKORI (I)

INKURU YA ZAKE UMUTOZAKORI (1) 

(Yesu) Ashika i Yeriko, ariho arahaca. Har’umuntu yitwa Zakayo, yar’umutozakori mukuru, kandi yar’umutunzi. Ageza kuraba Yesu ngo amenye ukw’asa, biramwankira kubera ishengero, kuko yari mugufi. Arirukanga, aj’imbere, yurira igiti citwa umusukomora ngw’amurabe, kuko yagira ngw’ace muri iyo nzira. Yesu ahashitse ararangamiza, aramubarira ati Zakayo ururuka vuba, kuko uwu musi nkwiriye kurara i wawe. Yururuka vuba amwakirana akanyamuneza. Babibonye bose baridodomba bati: Ko yinjiye kurarira umuntu w’umunyavyaha! Zakayo arahagarara abwira umwami Yesu ati: Raba mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro, kandi umuntu wese nanyanganije ivyiwe ndabimurihe kane. Yesu amuvugako  ati: Uwu musi agakiza gashitse muri iyi nzu kuko uwu nawe ar’umwana wa Aburahamu. Kandi umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye (Luka 19: 1-10) 

Icompa iyi nkuru ya Zake ikadusubiza mw’intege twese. Dusenge: Mukiza wacu udukunda tugarutse imbere yawe mur’aka kanya. Urakoze kubera aka kanya keza uduhaye ko kwumva ubu butumwa bwiza bwavugiwe muri ibi vyigisho. N’utubabarire, turakwinginze, kubera henshi tutakwumviye ngo dukore nk’abana bagomba kunezereza umuvyeyi wabo. Uduhe kwihana vy’ukuri, kugira ngo mu misi dusigaje kubaho, ntituze dushire imbere inyungu zacu bwite, ariko tuze turazwe ishinga no kwisubirako, twiyubahe kandi twubahe hose ivy’ubwami bwawe. Turabigusavye nk’abana b’abantu, dukoresha amajambo y’abasuku b’imburakimazi, ariko turakwinginze ngo Mpwemu wawe atunganye iri sengesho ryacu mu nyonga zawe, tuhabonere imbabazi, amahoro n’umugisha biva ku ntebe y’imbabazi bidusanganire, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Tuvuge ivya Zakayo. Iyi nkuru ya Zakayo, tuzoyiga tuyinonosore, bizodutwara imisi itatu.  Kuko ndashaka ko iyi nkuru itubera n’ibendera ritugendera imbere mur’ibi bihe bigoye vy’imisi ya nyuma. 

Yesu ashika i Yeriko, ariko arahaca (Luka 19: 1). Mur’uwu murongo, biraboneka ko i Yeriko, siho hari hamuzinduye, yar’afise ahandi agiye. Aho n’aho s’ahandi, ni i Yerusaremu. Ariko kur’uwo musi, vyabaye ngombwa ko ahindura programu yiwe, arara aho atari kurara, i Yeriko, kwa Zake. INKURU YA ZAKE, UMUTOZAKORI (I) 20031030180102_referenceUwu mugabo Zake, batubwiye ibimuranga: ngo yari umutozakori mukuru, umutunzi, kandi akaba umuntu mugufi. Paulo ati: Ibi vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanura twebwe abashikwako n’iherezo n’amaherezo y’ibihe (1Abakorinto 10: 11). Mu mvugo ya gihanuzi canke mu mvugo yo muri Mpwemu, Zakayo agereranywa n’ishengero rinini  ry’abantu bazizera Yesu mu misi mibi igiye kuza, ritaboneka ubu, ariko ryihishije muri iyi si. Mu vy’ukuri n’abarigize nabo ntibiyizi ubwabo. Kuko n’abantu bishwe n’intuntu n’imibabaro myinshi kubera ibibera muri iyi si, benshi muri bo ntibaja no mu mashengero. Zakayo ntiyari umugendanyi wa Yesu, yirirwa mu vyiwe vyo gutoza amakori. Yar’umutozakori mukuru, kandi yar’umutunzi (Luka 19: 2).

Wewe watwawe n’akazi, ukaba ucuritse umutwe mu butunzi bwawe, mu manyama y’ubusore canke ubukumi, uwu musi umwami Yesu akurabana amaso y’ikigongwe cinshi, kandi yipfuza guca i wawe. Ni waba ubishaka, uzogerageza uburyo bwose nka Zake kugira ngo mubonane. Ariko ivyawe ntugire ngo birakworoheye, bigusaba kwihagararako, utaravye neza bizonaguhitana. Kuko ugira ngo nd’umukire, ndatunze kandi ntaco nkenye; ntumenye yuko ari wewe mutindi, wafutanye, ur’umworo, ur’impumyi, ugenda amenya (Ivyahishuwe 3: 17). Uku nikwo abantu benshi bameze muri iyi misi ya nyuma. Abapagani batari mw’ishengero harimwo abumva izi mpanuro bagakanguka bakibaza, bakamera nka Zake. Barashaka ukuntu bokurira igiti ngo babone ubwiza bwa Yesu. Abo bantu Yesu azobiyereka. Zakayo ngo Arirukanga, aj’imbere, yurira igiti citwa umusukomora/umuvumuvumu ngo amurabe kuko yagirango ace muri iyo nzira. Yesu ahashitse ararangamiza (Luka 19: 4-5). Abandi nabo, usanga bagenda barabandana inyuma ya Yesu gusa, bakaba bifitiye ibindi bintu mu mitima banse guheba; ariko bakabuza abantu bagufi bagufi nka Zake ko birabira ubwiza bwa Yesu. Abo tuzo garuka ku vyabo mu cigisho kizokurikira ejo.

Abandi bari muri ya madini ya gipagani asenga ibigirwamana nka bimwe twita vya Kiranga na Ryangombe, vya Buda vyo mu yandi mahanga, vya Père Noël, ibishusho vy’ibumba, vy’ibiti canke vy’ivyuma, n’ibindi… Benshi n’abana bavukiye mu ngo z’abapfumu n’abarozi, abandi bakurira mu vyaha kuko basanze n’abavyeyi babo arivyo bibatunze, bakarara mu vyaha, bakavyiyorosa… Baracari abasuma (abajura), bakuriye mu busambanyi, batunzwe n’ukubesha, abandi inzigo n’amacakubiri vyirirwa birabagogora mu mitima, n’ibindi n’ibindi… Ariko har’igihe amakuru meza abashikira, iri zina ry’Umukiza Yesu bakaryumva…

Yewe muntu wumva iyi nkuru nziza ukaba wipfuza kuva mur’ubwo buzima bw’ibicumuro bibi, n’usubize umutima mu nda, kuko umwami Yesu araje kukuramutsa, araguhumuriza, ubu nyene uri ngaho wenyene, mbere bikubere ibanga hagati ya wewe nawe. Kuko uku ariko Umwami Uhoraho agize ati: Raba jewe, jewe ubwanje, ndigiriye kurondera intama yanje, ndayibariritse (Ezekiyeli 34: 11).

Icigisho c’uwu musi cerekeye iyi nkuru ya Zakayo gihagarariye ngaha, tuzokibandanya ejo nk’aya mango. Ntuz’usibe.

Publié dans:Non classé |on 29 décembre, 2010 |Pas de commentaires »

IJAMBO RY’IMANA RYO MURI IKI GITONDO

Uyu musi ijambo ry’Imana rirakubwira riti:

IJAMBO RY'IMANA RYO MURI IKI GITONDO 5121975

Kandi ntimwishushanye n’ab’iki gihe,

ah’ubwo muhinduke rwose mugize imitima misha,

kugira ngo mumenye neza iby’Iman’ishyaka,

aribyo byiza, bishimwa kandi bitunganye rwose-

Bibliya Yera mu Kinyarwanda (Abaroma 12: 2)

Publié dans:Non classé |on 28 décembre, 2010 |Pas de commentaires »

URUPFU RW’UWAVUGISHWA N’IMANA ZAKARIYA

URUPFU RW’UWAVUGISHWA N’IMANA ZAKARIYA

Bitayeko muzokorwa n’amaraso yose y’abagororotsi yaviriye kw’isi, uhereye ku maraso y’Abeli umugororotsi, ukageza ku maraso ya Zakariya mwene Barakiya mwiciye hahati y’ahera h’urusengero n’igicaniro (n’alutari) (Matayo 23: 35). URUPFU RW'UWAVUGISHWA N'IMANA ZAKARIYA michel-ange-le-prophete-zacharie

Uwu Barakiya yari umuhereji (umuseserdoti, umutambyi) mukuru. Niwe Bibiliya yita Yehoyada.  Uwo Zakariya niwe yanditse kirya gitabo citwa ic’Umuhanuzi Zakariya. Atangura ico gitabo avuga ngo: Ijambo ry’Imana ryaje kuri Zakariya mwene Berekiya (Zakariya 1:1). Yehoyada ariwe Barakiya canke Berekiya se wa Zakariya, yakoze ibishimwa n’Uhoraho gusa. Niwe yayoboye imigabo n’imigambi y’umwami Yowasi, dore ko Yowasi yar’amaze imyaka indwi igihe yaja ku ngoma; ayimarakw’imyaka mirongwine i Yerusaremu…  Yowasi akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu gihe cose umuherezi Yehoyada yabayeho (2Ngoma 24: 1-2). Uwu Yehoyada ni we yabohoje igihugu mu gihe cari caguye mu minwe y’umwamikazi Ataliya. Uwo mwamikazi Ataliya niwe yagandaguye abo mu nda y’ingoma bose b’i Buyuda,  amarana igihugu imyaka itandatu agitegeka nabi (2Ngoma 22: 10, 12). Ariko Yehoyada aramvye igihe kirekire ashika mu zabukuru, araheza arapfa; yapfuye amaze imyaka 130. Bamuhamba ku murwa wa Dawidi hamwe n’abami, kuko yakoze neza mu Bisirayeli, no ku Mana, no kuvy’ingoro yayo. Hanyuma Yehoyada amaze gupfa, abaganwa b’i Buyuda baraza, bakubita inkoro hasi imbere y’umwami yumviriza ivyabo. Maze baca baheba ingoro y’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, basaba Ashera n’ibindi bishushanyo. Uburake bw’Uhoraho buraheza buza ku Bayuda no kub’i Yerusaremu kubw’ico gicumuro cabo. Yamara (Uhoraho) akagenda abarungikira abavugishwa nawe (abahanuzi) bo kubagarukana kuri we, 240px-Wesley_at_asburybakama babagiriza, ariko bo banka kwumva. Maze Mpwemu w’Imana aza kuri Zakariya mwene Yehoyada umuherezi; ahagarara ahataramutse imbere y’abantu, arababarira ati uku ni ko Uhoraho Imana agize; Ngo n’iki cabateye gucumura ku mabwirizwa yiwe, bikababuza kuroranirwa? Ko mwahevye Uhoraho, nawe arabahevye. Bamugira inama bamwicisha amabuye bivuye kw’itegeko ry’umwami, bamutsinda mu nyubakwa yo ku ngoro y’Uhoraho. Uko nikwo umwami Yowasi atibutse ineza Yehoyada se w’uwo Zakariya yamugiriye, akamwicira umwana wiwe nyene. Akiriko arapfa yaravuze ati: Uhoraho n’arabe ibi abihore (2Ngoma 24: 15-22).

Isi yacu iriko iregereza igihe abantu baziziba amatwi, bakibagira abantu bagendanye canke abantu babagiriye neza babigisha ijambo ry’Imana.dyn006_original_384_266_jpeg__e6fdfd7c4f3ce9ee8e9ef4d387a68b74 Bazoshira imbere ubugome bubi bitewe  n’inyungu mbi bazoba bashaka kugerako. Nico gituma iki gihe turimwo dutegerezwa gukora igikorwa c’Imana tucihutisha, tukavuga ubutumwa tutazuyaza nka Yehoyada, nta wubizi ko abana bacu bizoborohera kubuvuga. Bashobora kwicirwa mu nsengero na Zakariya. Ibi n’ukuri bizoshika, kandi henshi vyaramaze gushika, kuko vyavuzwe n’uwudashibora kwibesha. Mwirinde abantu.  Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo. Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampora, muzoba ikimenyetso kibabere icabona, bo n’abanyamahanga. Ariko babashengeranye ntimuze muhagarike imitima mwibaza ico muzovuga n’ingene muzokivuga, kuko ivyo muzovuga muzobihabwa muri ako kanya. Kuko atazoba ari mwebwe muvuga, azoba ari Mpwemu wa So avugira muri mwebwe. Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, n’umuvyeyi azoshengerana ikibondo ciwe, n’abana bazogarariza abavyeyi babo babicishe. Muzoba mwanswe na bose babahora izina ryanje, ariko uwihangana agashitsa kw’iherezo niwe azokira (Matayo 10: 16-22).

Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana no mu za Kristu Yesu azocirakw’iteka abazoba bariho n’abazoba bapfuye, kandi no kubwo kuboneka kwiwe n’ubwami bwiwe, uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanure mu kwihangana kwose no mu kwigisha. Kukw’igihe kizoza, aho batazoshobora kwemera ukwigisha kuzima, ariko kuko amatwi azoba abarya bipfuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahuje n’ukwipfuza kwabo, kandi bazokwiziba amatwi ngo ntibumve ukuri, bazozimira, bakurikire imigani y’ibinyoma. Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igokorwa c’umuvugabutumwa, ushitse igikorwa c’ibanga ryawe (2Timoteyo 4: 1-5).

Bishobora kugera n’aho ubona ko urupfu ruri imbere yawe, ariko ntutinye. Kora igikorwa c’Imana, wame ushaka guter’imbere imisi yose mur’iryo banga. Uhoraho aravuga ati:  Bazokurwanya ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, nijewe Uhorahjo mbivuze (Yeremiya 1: 19)2912984413_daecc6bdf6

Komeza gusenga wihangane, naho wopfa ntiwoba uhemutse, woba upfiriye mu Mwami Yesu nk’umuhanuzi Zakariya. Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: Egome, ngo baruhuke uburuhe bwabo, kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 13), mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 28 décembre, 2010 |Pas de commentaires »

IJAMBO RY’IMANA RYO MURI IKI GITONDO

 Uwu musi ijambo ry’Imana riravuga riti:

IJAMBO RY'IMANA RYO MURI IKI GITONDO Zambia4

Mbeg’umugore yokwibagira umwana akiri kew’ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bwiwe? Ni koko abo nbashobora kwibagira, aruko jeho sinokwibagira (Yesaya 49: 15). Gendera kuri iri sezerano, naho nyene ibiguca intege ari vyinshi, Uhoraho ntazokwibagira, kuko ni weyagutoranije. Aravuga kandi ati: Bazokurwanya ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze (Yeremiya 1: 19)

Publié dans:Non classé |on 24 décembre, 2010 |Pas de commentaires »

ABA BANTU :MELCHIOR, GASPARD, BALTAZAR, ABAMI BATATU, BANDITSWE HE MURI BIBLIYA YAWE?

IBINYOMA BIBA VYINSHI ARIKO NTIBIGANYA UBUREMERE

Abantu bavugwa ngo n’ abami batatu, bakabaha n’amazina ngo: Melchior, Gaspari, na Baltazar, boba bavugisha ukuri? Zingurura Bibiliya zanyu dusome:

Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya, ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabwenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusaremu barabaza bati: Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twabonye inyenyeri yiwe, turi i burasirazuba none tukaba tuzanywe no kumushengerera. Umwami Herode avyumvise ahagarika umutima n’abab’i Yerusalemu bose (Matayo 2: 1-3).ABA BANTU :MELCHIOR, GASPARD, BALTAZAR, ABAMI BATATU, BANDITSWE HE MURI BIBLIYA YAWE?

Iyo usomye neza inkuru y’aba bagabo baje kuraba Yesu no kumushengerera, Bibiliya ibita abanyabwenge. Mu gifransa bakunda kubita  »Les mages », aribo ibitabo vy’abagatorika vyita abamajusi. Abamajusi ntibari abami nkuko benshi babitwigisha. Iyo usomye mur’aya majambo yo muri Matayo 2: 1-3, usanga ijambo ngo  »umwami » ryekeye Yesu canke  »Herode ». Abo bandi babita abanyabwenge. Uwundi murongo uravuga ngo: Buno Herode ba banyabwenge mu mpisho abasiguza igihe iyo nyenyeri yabonekeye (Matayo 2: 7). Nahano nyene, Matayo abita abanyabwenge ntabita abami.

Ikindi, burya batubwira ngo n’abami batatu,jesus_et_les_rois_mages ariko iyo wiyumviriye neza, usanga umwami wese aba afise igihugu ciwe ategeka. Aba bantu Bibiliya yigisha ko ar’abanyabwenge kandi ko bakomoka mu gihugu kimwe. Benshi baravuze ko hoba harimwo n’umwirabure. Ariko abaye arimwo yirabura, bose boba birabura kuko Bibiliya iravuga iti: Babwiwe n’Umwami Imana mu nzozi ngo ntibasubire guca kwa Herode, baca mu yindi nzira, basubira mu gihugu c’i wabo (Matayo 2: 12). Hano ntihanditswe ngo mu bihugu vy’iwabo, mugabo handitwse ngo: mu gihugu c’i wabo; bavuye mu gihugu kimwe.

Ivy’uko bari batatu vyo ntaho vyanditswe, mugabo twibaza ko ababivuga boba bishimikiza ubwoko bw’amaturo yabo:  inzahabu, n’imibavu n’isenga (Matayo 2:11). qj18gbenIco kwitondera: Bibiliya yigisha ko abo banyabwenge bavuye mu gihugu kimwe, kandi bakazana amashikanwa y’ibintu vyari bifise agaciro mu gihugu cabo, kuko mu gihugu kimwe harashobora kuboneka izahabu n’imibavu n’isenga. Bashobora no kuba baje barenga batatu ariko bakazana amashikanwa y’amoko atatu gusa kuko ariyo bashoboye kuronka.

Inkuru zimwe zivuga ko hariho umupadiri yakunda gukora umuhango wo guhezagira inzu mu kwezi kwa mbere, mugihe abagatorika bagira umusi mukuru wabo bita uw’ abami batatu; 20%2BC%2BM%2BB%2B10noneho akandikisha ikara (abandi bavuga ko mur’uwi muhango bakoresha ingwa) ku muryango wayo aya majambo mu kilatini ngo: CHRISTUS BENEDICAT MENSIONEM: Bisobanurwa ngo: Kristu n’ahezagire iyi nzu. Aya majambo mu mpfuyapfunyo (mu magambo ahinye), bandika ngo: CBM. Buke buke, niyo yavuyemwo aya mazina: C yabaye Caspard, B iba Baltazar, M iba Melchior.

Nta gihugu na kimwe kigaragaza mu mateka yaco ko coba cigeze gutegekwa n’umwami yigeze kuja kuraba Yesu mw’isenga I Betelehemu. Mugabo birazwi neza ko abanyabwenge baje kumuraba.   Aba bantu bitwa abamajusi aribo banyabwenge bakorera ku kirimba i bwami kuko bar’abanyabwenge baminuje. Dusoma muri Bibiliya ngo: Hatsinzwe abaganwa base b’umwami w’i Babuloni, baraza basagaza mu kirimba co hagati, nibo aba Nergali Sharezeri, na Samugari nebo, na Sarusekimu, na Rabu-sarisi, na Nerugali sharezeri, na Rabu-magu, bo n’abandi baganwa b’umwami w’i Babuloni (Yeremiya 39: 3). Uwu muganwa avuzwe ubwa nyuma yitwa Rabu-magu, izina ryiwe risobanura ngo umuyobozi canke umwigisha w’abanyabwenge, bishobora kuvuga kandi abanyamareba (abapfumu). Ariko muri Bibliya zimwe zo mu zindi ndimi iri zina ntiriboneka, bavuga ko Nerugali sharezeri ariwe nyene umukuru w’abanyabwenge.  Kuko ururimi rw’Abakaludaya rutoroshe gutahura, twibaza ko aya mazina abiri: Nerugali-sharazeri na Rabu magu, ko yoba avuga umuntu umwe.

Ibivugwa ni vyinshi kur’aba banyabwenge, ariko twebwe tuguma ku Vyanditswe Vyera.

Publié dans:Non classé |on 24 décembre, 2010 |Pas de commentaires »

BIBILIYA YAWE YOBA YIGISHA IVYO GUHIMBAZA NOHELI?

BIBLIYA YAWE YOBA YIGISHA IVYO GUHIMBAZA NOHELI? (1)

Muri iyo ntara har’abungere barara mu gahinga baraririye umukuku w’ (ubusho bw’) intungwa zabo. Umumarayika w’umwami Imana ahagarara i ruhande yabo, ubwiza bw’umwami bubakayanganira irya n’ino, baterwa n’ubwoba bwinshi.BIBILIYA YAWE YOBA YIGISHA IVYO GUHIMBAZA NOHELI? creche_a_noel Umumarayika arababwira ati, ntaco mutinya umve ndababarira ubutumwa bwiza bw’akanyamuneza kenshi kazoba ku bwoko bwanyu bwose. Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara caDawidi, ni we kristo Umwami (Luka 2: 8-11)

Igihe umumarayika yabonekera abungere, bo baciye bagenda bihuta baja kuraba umucunguzi yavutse. Ijambo ry’Imana ntiryerekana ko baciye bagira umusi mukuru. Mu vy’ukuri Bibiliya yerekana ko kuva muri iryo joro na bukeye bwaho, kuri bo car’igihe ciza co kubwira abandi inkuru nziza y’Ivuka ry’Umukiza. Ba bamarayika bahejeje kuva aho bari, basubiye mw’ijuru, nya bungere baravugana bati: Ingo rero tuje i Betelehemu, turabe ico kintu cabayeyo, ico Umwami Imana atumenyesheje. Bagenda banyaruka babona Mariya na Yosefu n’uruyoya rubikiriwe mu bwato bw’inka.  Babibonye bababarira ijambo babwiwe kur’uwo mwana, Abavyumvise bose batangazwa n’vyo ba bungere bababwiye. Maze ba bungere bahindukira bahimbaza Imana, bayishimira ivyo bumvise vyose n’ivyo babonye, nk’uko babibwiwe (Luka 2: 15-18, 20).

Mu vy’ukuri, Mpwemu w’Imana ntiyakunze kudusigira umusi w’ukuri Yesu yavutseko. Ni twaba dushaka kuba abantu b’Imana bagendera kuri Bibiliya, dukwiye kwigana abungere mu gutangaza hose ko dufise umucunguzi, tukamuvuga nk’abamufise mu bugingo bwacu. Benshi muri twebwe twakiriye agakiza tukanyotewe0000002566P, ariko ndatangaye yuko muriko murareka vuba murtyo Iyabahamagaye (Imana), mukemera ubuntumwa bunyuranye n’ubwo, kand’ata bundi buriho, ariko har’abantu babahagarika umutima bakagomba guhindura ukundi ubutumwa bwa Kristo. Maze igihe gikwiye gishitse, Imana ituma umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe, ngw’acungure abagazwa n’ivyagezwe. Ariko ico gihe kuko mutari muzi Imana mwari mujakariye imana zitarizo uhereye mu kameremere kazo. Ariko none ko mwamenye Imana, cane cane ko mwamenywe nayo, n’iki gitumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyigoyi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha? Muziririza imisi n’amezi n’ibihe n’imyaka. Munteye ubwoba, yuko nkumbure ivyo nabakoreye noba naruhiye ubusa. Ndabingize bene Data mumere nkanje… (Abagalatiya 4: 4-5, 8-12).

None ivyo bintu vyo guhimbaza iyo misi mikuru, vyatanguye bite?

Ntibitangaje kuko turazi yuko tur’ab’Imana ariko isi yose iri muri wa Mubi (1Yohani 5: 19).  -uwo Mubi ni Satani- .Kuva kera, kera cane, abazungu bamye bahimbaza imisi mikuru bigina imana yitwa Saturno, yar’imana y’ababivyi, n’abarimyi bose. Ijambo Saturno rivuye mw’ijambo ry’ikilatini ryitwa  »severe », ariryo  »semer » mu gifransa. Ariko buke buke, imisi mikuri, ikomeye, abaroma  bayishize kuva kw’igenekerezo rya 17 gushika ku rya 24 Kigarama (Ukuboza).  L'hiver les journées sont courtes et sombres

Iyo misi mikuru yerekana ko imisi mibi y’imbeho ariyo iba migufi migufi bayicagatije, ko hagiye gutangura imisi miremire, kandi hakaboneka n’umuco w’umurango uramba kuruta uko vyahora. Iyo misi niyo bita imisi ya  »solstice d’hiver ». Ni ho baroma bo batambira izuba, kuko niryo ryari Imana yabo. 02d01ff19d04387d7f937090d5cc6f97Niho mubona ihostia zikoreshwa mu misa z’abagatorika b’i Roma ziba zimeze nk’umuzingi w’izuba. Raba iyi shusho.  Hari n’igihe bagira ihostiya nini bakayishira mu kibonesherezo gifise imishwarara nk’izuba (Ostensoir)-Raba iriya shusho ica ibibatsi hariya  hepfo-. Vyose vyibutsa uko vyagenda mu madini ya gipagani yo gusenga izuba. Burya ijambo hostia, risobanurwa ngo incungu canke inkuka. N’ukuvuga incungu yatangwa mu gihe bariko barasenga izo mana z’izuba n’inyenyeri. Si kimwe n’ikimazi catangwa mu Bisirayeli, kuko ico kimazi co cibutsa ko Kristu we kimazi c’ukuri azovuka. Kandi Kristo amaze kwitanga ko ikimazi, guhereza hostiya ntaco biba bikivuze, uretse guterekera imana z’idini ry’abaroma. Kristu, iyaba  yar’akiri kw’isi ntiyobaye umuherezi (umusaserdoti) kuko har’abandi bahereza amashikanwa nkuko ivyagezwe bibwiriza. Ariko none igikorwa yahawe kirusha icabo kuba ciza, nkuko ar’umuhuza w’isezerano riruta iryabo. Ariko yinjiye mw’ijuru ubwaho kugirango none aduserukire mu nyonga z’Imana. Kandi ntiyashikanyweyo no kwitanga kenshi, … kuko iyo biba birtyo abayar’akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwakw’isi. (Abaheburayo 8: 4; 9: 24-26). War’uzi ko benshi bizerako mu misa Yesu asubira kwitanga kw’alutari nkuko yitanze i Gologota?ariko turabonye ko Ijambo ry’Imana atariko rivyigisha.  War’uzi ko Yesu n’intumwa batakoresheje hostiya? ostensoir_aUmwami Yesu mw’ijoro yaguzwemwo, yafashe umutsima, awushimira Imana, arawumanyagura, avuga ati uwu n’umubiri wanje utanzwe ku bwanyu (1Abakorinto 11: 23-24).

Tugarutse kuri ya misi mikuru ya rero, benshi bavuga ko imisi mikuru yagera kuri Calende ya Ianuarii (Janvier mu gifransa, Nzero mu kirundi canke Mutarama mu kinyarwanda). Iri jambo ngo Calende risobanurwa ngo umusi wa mbere w’ukwezi.200812240675_zoom Iyo misi mikuru rero yategurwa ku buryo bw’idini rya gipagani, vyose biyobowe na Satani n’abadayimoni. Muri iyo misi mikuru bararya, bakanywa, bakaborerwa, bagatamba, bakabandwa, bavanga n’ugukora ibintu vy’ibiterasoni. Bayita  »saturnales ». Aya mashusho abiri ari hano yerekana abaroma bari mu misi mikuru ya saturnales.Ntivyoroshe kwumvisha umukristu w’iki gihe ko Noheli ikomoka mu madini ya gipagani, kuko benshi batwarwa na kameremere kabo, ariko Uhoraho arazi abiwe,kandi umuntu wese avuga izina ry’Uhoraho akwiye kuva mu vyaha (2Timoteyo 2: 19). Inda nayo igafata umwanya munini gusumba ukuri ko mu Vyanditswe. Kandi ivyo ntibitangaje kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco. Intumwa za Yesu n’abakristu ba mbere ntibahimbaje Noheli. Ariko haciye igihe atari gito, niho abantu bigira abayobozi b’ishengero bagiye bacambirwa ivy’isi biba mu madini ya gipagani, ya misi y’ugukora ibidahereranye bayinjiza mu bantu b’Imana. Vyatanguye buke buke biza gukomera mu myaka ya 500 nyuma ya Yesu, ariko inkomoko ya vyo yari mbible_ouverteu gipagani. Ni twaba dushaka kwitegurira ukugarukakwa Yesu, dukwiye kugendana n’ivyanditswe. Twirinde gusesagura ubutunzi Imana yatubikije mu kwinezereza ku misi twarazwe na basogokuru. Muzi yuko ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi mwatojwe na ba sogokuruza atari ibishira nk’ifeza cank’izahabu, ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’umwagazi w’intama utagira agasemwa canke ibara, niyo ya Kristu (1Petero 1: 18-19).

Dukwiye kuvuga ubwo butumwa bwiza bw’uko umucunguzi yaje mu bantu, imisi yose, tutarindiriye imisi n’amezi n’ibihe n’imyaka. Umuco w’Umwami Imana ushobora kutuboneshereza imisi yose, nico gituma tugomba kwama mu bikorwa vy’Imana.

Mu cigisho kizokurikira tuzorabira hamwe ko ivy’abami batatu bisa n’ibiri muri muri Bibiliya. Mu kurindira ni musome muri Matayo 2: 1-12.

Mugire amahoro ya Kristu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 21 décembre, 2010 |Pas de commentaires »

UBUTUMWA BW’ABAMARAYIKA BATATU

TWIGE IVYAHISHUWE 14: 6-13

UBUTUMWA BW’ABAMARAYIKA BATATU

 UBUTUMWA BW'ABAMARAYIKA BATATU wp623aabe7Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yatiriye ijuru (mu kirere) afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo kubarira ababa mw’isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga ati: Mwubahe Imana muyihimbaze kuko igihe c’amateka yayo( c’imanza zayo) gishitse, musenge Imana yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasoko (y’amazi).

ellenwhiteUmumarayika wundi wa kabiri akurikirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni cagisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino (inzoga) niyo burake bw’ubushakanyi bwaco (niyo burakari bw’uubusambanyi bwayo).

Umumarayika wundi wa gatatu akurikirako, avuga n’ijwi rirenga ati Ni hagira umuntu asenga cagikoko n’igishushanyo caco, akemera gushirwako ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, ni yo burake bw’Imana, yiteguwe, idafunguye mu gakarabo k’uburake bwayo (iteguwe y’umugahu mu kabindi k’ishavu ryayo). Kand’azobabazwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera (beranda) n’imbere ya wa Mwagazi. Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro, abasenze ca gikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco. Aha niho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana (amategeko y’Imana) n’ukwizera nka Yesu.

Numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti Andika  uti : Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: Egome, ngo baruhuke ubutame bwabo (imiruho yabo), kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 6-13) 

Igihe twatangura kwiga ibi vyigisho, muribuka ko twatanguriye ku vyerekeye amashengero indwi. Mur’ayo mashengero indwi, murazi ko Yesu yayahaye ubutumwa butangurwa n’aya majambo ngo: Wandikire umumarayika w’ishengero ry,i… Ivyigisho vyose vyatweretse ko umumarayika ar’ukuvuga intumwa. Kuko mu kigiriki iri jambo rivugwa ngo  »angelo » niryo ryavuye mwo,  »angelus » mu kilatini, canke  »ange » mu gifransa. Rihuje n’irindi bita  »messager » mu gifransa. 1337312716Muri Bibliya y’igifransa yahinduwe na Louis Segond,  handitswe ngo: Il fait des vents ses messagers, des flames de feu ses serviteurs (Psaume 104:4). Mu kirundi handitswe ngo: Uhindura abamarayika bawe imiyaga, abasavyi bawe ubahindura umuriro waka. Mu kinyarwanda naho handitswe ngo: Agira abamarayika be imiyaga, Abagaragu be abagira imbeya z’umuriro (Zaburi 104: 4). Ubu butumwa turiko turiga rero, ntibuzovugwa n’abamarayika b’amababa, abamarayika bagomba kuburira ababa mw’isi ni jewe na wewe.  Mu gitabo c’Umuhanuzi Daniyeli handitswe ngo: Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu; niho ahantu hera hazobona guhumanurwa. Kandi ivyerekanywe vy’ubwira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ukuri, ariko ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kuko ari ibizoba haheze igihe kirekire (Daniyeli 8: 14, 26). Kandi umumarayika yareretse umuhanuzi Daniyeli ibizoba muri yo myaka 2300, anamubwira ko bigomba gutangura  »uhereye igihe itegeko ryo kuvyura no kwubaka Yerusaremu rizoshingwa (Daniyeli 9: 25). Soma neza Daniyeli 9: 25-27, uzosanga ubuhanuzi bugera mu gihe c’iherezo. Iyo uharuye neza, usanga turi mu gihe co co gucirwa imanza zanditswe mu gitabo co mw’ijuru, imbere y’izina ry’umuntu wese muri twebwe. Reka tuvyige neza: Itegeko ryo kuvyura no kwubaka Yerusaremu ryatanzwe mu mwaka wa 457 imbere ya Kristu. Kuva uwo mwaka, usanga imyaka 2300 irangira mu mwaka w’1844. Kandi abazi ivyerekeye amateka y’isi, ivyo abarundi bita  »Kahise », berekana ko uwaka w’1844 wabayemwo umuvyuro ukomeye mu vy’Imana, ku buryo amashengero menshi yari yiteguye ukugaruka kwa Yesu muri uyo mwaka. Ni murabe muri ibi bicapo nababoneye ukuntu ibintu vyagiye bikurikirana gushika muri 1844, murabe n’igihe tugezemwo nk’uko kivugwa n’intumwa Petero ngo:  Kuko igihe gishitse c’uko urubanza rutangirira mu b’inzu y’Imana: none ko rutangiriye kuri twebwe, iherezo ry’ abatumvira ubutumwa bwiza bw’Imana rizomera rite? (1Petero 4: 17).  Raba iki gicapo kugirango mubitahure neza. Naho kiri mu congereza, kirasobanutse neza.  Iki gicapo gitanga amatariki makuru makuru. lesson16-13Hagati ya 457 imbere yo  kuvuka kwa Yesu no mu mwaka wa 34 inyuma y’ivuka rya Yesu nyene, habaye ibi bikurikira:  

a- 457 imbere y’ivuka rya Yesu: Ku ngoma y’Abami b’Abamedi n’Abaperesi, niho umwami Arutazeruzi yategeka kwuba no kuvyura Yerusaremu. Imirimo yari iyobowe n’umuherezi Ezira (Soma Ezira 7, igice cose, na Daniyeli 9: 25-27).

b- Mu mwakawa 331 imbere y’ivuka rya Yesu: Hari ku ngoma y’Abami b’abagreki, ni muri ivyo bihe ubwo bwami bwigaburamwo ibice bine, buruhira gutemba. Ico gihe bwategekwa na Alexandre le Grand. Bwasubiriwe n’ubw’Abaroma bwakombowe muri 476 nyuma ya Yesu.

c-Mu mwaka wa 4 imbere ya Yesu (niko bawita), Yesu yaravutse.

d-Mu mwaka wa 34 inyuma yo kuvuka kwa Yesu, niho umudiyakoni Stefano yagandagurwa n’abayahudi. Muri ico gikorwa kibi, berekanye ko bahakanye icese agakiza kava muri Kristu, ariko imiryango yaciye ipfungurwa ku banyamahanga, ubutumwa bujanwa mw’isi yose (Ivyakozwe n’intumwa 8: 3)

e- Mu waka wa 538, niho ububasha bw’Ubupapa bwari bumaze kwiha akanyarigabo, bugarariza n’ivyanditswe, burogotwa no ku Mana. Dusoma muri Bibiliya aya majambo ngo: agahembe gatoya karakura, kaba rinini cane, ryerekera i bumanuko n’iburasirazuba no mu gihugu c’ubwiza. Rihinduka rinini ryagamba no mu ngabo zo mw’ijuru, mbere ingabo zimwe n’inyenyeri zimwe ribishiburira hasi,p6-tiara rirabisiribanga. N,uko ryigira agahambaye, mbere ryiringaniza n’umugabisha w’ingabo, rimunyaga ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uko bwije, inyubako z’ahera hiwe zirasangangurwa. Izo ngabo bo n’ico kimazi gihora gitangwa, bigaburwa mu maboko yaryo kubg’igicumuro. Ivy’ukuri ribishiburira hasi, maze rikora ivyo ryigombeye riratunganirwa (Daniyeli 8: 9-12). Iyi mirongo irasobanutse neza, nkako irangije ivuga ngo: Ivy’ukuri ribishiburira hasi, maze rikora ivyo ryigombeye, riratunganirwa. Mwirinde ivyo kuguma mw’ishengero kuko ribemerera gukora ibibaryohera, kugirango mutunganirwe. Ako n’agace mbaciriye.

f- Mu mwaka wa 1798 inyuma y’ivuka rya Yesu, niho intwazangabo y’Ubufransa Berthiaume yacirakw’iteka Papa Piyo wa VI, nirwo ruguma ruvugwa cane mu vyahishuwe rwoshoboye kwica ca gikoko, ariko ngo rwarakize (Ivyahishuwe 13: 3, 12, 17: 8).

g-Mu mwaka w’ 1844, niho ya misi 2300 yarangira. Nk’uko twavyize kuva kera, umusi wo mu buhanuzi ungana n’umwaka, kuko handitswe ngo: Umusi uzohwana n’umwaka (Guharura 14: 34). Dukurikije ubwo buhanuzi, dusanga ko kuva mu mwaka w’1844, ari ho imyaka 2300 yarangiye, ahantu hera (mu buturo bwera) habona guhumanuka. William Miller(yavutse kw’itariki 15 Ruhuhuma/gashyantare 1782, apfa kuri 20 Kigarama/Ukuboza 1849. Yigishije cane ubutumwa bwiza bwo kugaruka kwa Yesu muri iyo myaka y’umuvyuro.

Umupfasoni (umutegarugori) nawe yitwa Ellen Gould White  (Raba ifoto hariya hejuru, ku ntangiriro y’icigisho, n’urya mutegarugori arimo kwandika) yarakoreshejwe  n’Imana cane muri ivyo bihe. Ubutumwa bwavuzwe nawe hamwe N’abandi bakozi b’Imana muri ivyo bihe n’ubu bugenda bukwirakwizwa kw’isi yose.  Uyu Ellen Gould White yavutse kw’itariki 26 Munyonyo/Ugushingo apfa kw’itariki 16 Mukakaro/Nyakanga 1915, amaze imyaka 87. 

Murashobora kumbaza muti, none ko imyaka yageze kw’iherezo ryayo, ahera hagahumanurwa, kuki Yesu ataragaruka kujana ishengero? Raba ibisubizo: Iyo umuherezi mukuru yaba yinjiye mw’ihema ry’ibonaniro, kugirango atange impongano z’ivyaha vy’ubwoko bw’Imana, ntiyaca asohoka ubwo nyene, hariho imihango yagomba gukora. Ishengero ryose ryagomba gutegereza hanze kugera igihe azosohokera. Ntihaze hagire umuntu n’umwe agera mw’ihema ry’ibonaniro, igihe Aroni yinjira Ahera kubatangira impongano, gushitsa aho azoba asohokeye, amaze kwitangira impongano ubwiwe bo n’urugo rwiwe, no kuyitangira ishengero ryose ry’Abisirayeli (Abalewi 16: 17). Kuko Kristu atinjiye ahera cane hakozwe n’intoke h’ikigereranyo cah’ukuri, ariko yinjiye mw’ijuru ubwaho,

kugirango non’aduserukir’imbere y’inyonga z’Imana. Kandi nkuko abantu babikiwe gupfa rimwe hanyuma yaho hakaza amateka (gucirwa imanza), na Kristu n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishire kw’ivyaha vya benshi, azob0neka ubwa kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze. … Amaze gutanga ikimazi kimwe c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana, aherako arorera igihe abansi biwe bazohindurwa indava yo musi  y’ibirenge vyiwe (Abaheburayo 9: 24, 27-28 na 10: 12-13). Ico gihe Kristu arorereye n’igihe gikomeye cane, kizorangiza intsinzi yiwe neza neza. Si we gusa n’abamarayika barakirorereye kandi n’ivyaremwe vyose birakirorereye, n’abavugishwa n’Imana aribo bahanuzi bapfuye bipfuza kubona ico gihe (bafitiye amatsiko ico gihe). Ivy’ako gakiza, abavugishwa n’Imana, aribo bavuz’ubuntu mwagira muze muhabwe, barabirondera, bakabisesa, bases’igihe icarico n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yatagura ivy’imibabaro ya Kristo bitari bwabe, n’ivyiza vy’uburyo bwinshi bwagira buze buyiherukire. Kandi bahishurirwa yuko ataribo bavyikorera, ariko ko ari mwebwe babikorera, ni vyo none mumaze kubarirwa n’abababwiye ubutumwa bwiza bavugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw’ijuru: kandi ivyo abamarayika bipfuza kubirunguruka (babifitiye amatsiko) (1Petero 1: 10-12). Niyumvira yuko imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubwiza tuzohishurirwa. Kuko ivyaremwe vyiteze uguhishurirwa kw’abana b’Imana

 biguhahamiye cane.                                                

Kuko ivyaremye vyategetswe kuganzwa n’ibitagira ikimazi, kandi si vyo vyavyigombeye, vyategetswe n’Imana yashatse ko bimera gurtyo, kugirango vyizigire yuko navyo bizocungurwa, ngo ntibibe mu buja bwo kubora, ariko bizohabwa ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bw’abana b’Imana (Abaroma 8: 18-21).

Ba bantu bakunda kugenda baririmba mu nzira ngo barakijijwe, ndashaka kubibutsa ko abazitwa abakijijwe vy’ukuri ari abazokwemerwa muri uko gucungurwa guheruka, canke abashingirwa  intahe(abahamywa na Mwuka) na Mpwemu ngo: Hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Sindabigishije ko abashingirwa intahe( abemerwa) n’abantu aribo bakijijwe. Oya, n’abashingirwa intahe n’abemerwa) na Mpwemu. Bitabaye ivyo, ba bandi bandika abantu mu gitabo c’abatagatifu boba bari mu kuri rero. Ariko noneho siko biri, kuko ijambo ry’Imana ryerekanye ko atari ukuri, hahirwa abashingirwa intahe na Mpwemu, amen.  

Yesu ntiyigeze yigisha ko ivyo gucungurwa kwacu vyarangiriye ku musaraba. Yego yaravuze ngo: Birarangiye (Yohani 19: 30), kuko yariko arerekana ko Satani atsinzwe, ko abazokwemera kwihangana kugera ku rupfu nka Kristu, bazotsindira ubwami bw’ijuru. Ariko hari hasigaye ko abera bakomeza kwihangana muri Kristu.  Aya majambo nay’ukuri ngo: Ariko ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike (Luka21: 28). Aya majambo Yesu yayavuze yerekeza ku bimenyetso vy’ibihe vy’imperuka, arivyo tugezemwo. Dutegereje gucungurwa. Uwutavyemera ubwo nawe afise uwundi Kristu yizera, mugabo uwacu, ariwe intumwa n’abahanuzi bizera, uko niko yabivuze.

Nifatanije n’izo ntumwa n’abahanuzi, n’abavugabutumwa bose b’intahemuka kandi b’imvugakuri, nti:  Ni mwubahe Imana muyihimbaze, kukw’igihe co guc’imanza cayo gishitse. Ni musenge iyo Mana yaremy’ijuru n’isi n’ibiyaga n’amasoko. Ijambo ry’Imana ritubwira ko dusabwa kwama tuvyibuka ku musi w’indwi samedi, ndetse tukabigira nk’umusi mukuru mw’izina ry’Umuremyi wacu. Handitswe ngo: Wibuke kuziririza umusi w’isabato. Mu misi itandatu uze ukore, abe ariyo ukoreramwo imirimo yawe yose, ariko umusi ugira indwi, niwo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa  nakimwe ukora kuri uyo musi, wewe ubwawe, cank’umuhungu wawe, canke umukobwa wawe, canke umugurano wawe, cank’umuguranokazi wawe, cank’inka yawe, canke uw’iyambukira aba i wawe. Kuko imisi itandatu ariyo jewe Uhoraho naremeye mw’ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,nkaruhuka ku musi ugira indwi: nico catumye jewe Uhoraho mpezagira (mp’umugisha) uyo musi ugira indwi, nkaweza (Kuvayo 20: 8-11). Iri tegeko  ryitwa ikimenyetso c’Imana muri Bibiliya (Ezekiyeli 20: 20). Kandi biraboneka ko arico. Ni nka kurya iyo umutegetsi yanditse urwandiko rutegeka ivyo yipfuza, iyo agiye kururangiza, arudomako ikimenyetso (ikashe, ikidodo). Muri kashe haba harimwo izina ry’igihugu, n’Ubushikiranganji uwo mutegetsi akoreramwo. hagati muri kashe, ahashiramwo izina ryiwe n’umukono wiwe -signature. (akarorero: REPUBLIKA Y’UBURUNDI, Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, izina n’umukono)cachet. Itegereze neza mu mategeko cumi, usanga iryo ariryo rimwe ryujuje ibi mvuze, kandi niryo rishobora no gusenya Babuloni mw’izina rya Yesu. Gute? Muri iyo mirongo, harerekana aho ubutegetsi bw’Imana butegeka hose: Ijuru, n’isi, ikiyaga n’ibirimwo. Umurimo w’Imana: Iryo tegeko ryerekana ko Imana ari Umuremyi. Izina n’umukono w’Imana: Muri iryo tegeko, uzosanga izina ry’Uhoraho risubiwemwo gatatu: ngo jewe Uhoraho Imana yawe, jewe Uhoraho naremye ijuru n’isi, jewe Uhoraho Mpezahira umusi w’isabato. Umukono: Imana yawe. Gerageza gushakisha, nta wundi musi Imana yakoreye ibi bintu bitatu arivyo: Kuruhuka, Guhezagira, no Kweza. Soma neza kandi iryo tegeko urabe.

Ubu  butumwa bwiza buzovugwa buvanze n’amahoro n’umunezero bibonerwa muri Kristo Yesu, kandi buzosenya Babuloni n’abayihishamwo bose bagafatanya nayo. Kuko ubugabo bwa Babuloni, bushingiye kw’isabato yindi bwizaniye itari mu Vyanditswe Vyera. Ni wa musi wa mbere w’imisi indwi: dimanche, na vya bindi vyo kuvuga ngo ku cumweru ni yo sabato y’abakristu, ngo ni wo musi w’indwi wo mw’isezerano rishasha. Abandi bati twarakijijwe umusi ntaco utubwira, ngo Yesu ni we ngombwa. Abandi bati: Nivyo koko ndabona ko isabato ari iy’ukuri, ariko nzoyihimbaza ukwanje, sinshaka kuja mw’ishengero kuko bahava banyita umusabato canke umudivantiste. Uretse ko nkumbure woba wagiriwe ubuntu budasanzwe, ubundi nta muntu ahimbaza isabato wenyene ngo abishobore. Uhoraho aravuga ati: Ku musi ugira indwi n’isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera (Abalewi 23: 3). Paulo yavuze ati: Ku musi w’isabato turenga irembo ry’igisagara, tuja ku ruzi, dukekako hobayo ahahora hasengerwa. Turicara, tuyaga n’abagore bahakoraniye (Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13). Ushobora kuba udakunda abadivantiste canke abayahudi n’abarokore, izo n’ingorane zawe. Ariko ntiwoca urenganya Imana ngo n’uko ijambo ryayo ryemewe n’abadivantiste hamwe n’abayahudi n’abandi. Ah’ubwo mbona ko war’ukwiye kunezerwa n’uko wahora wanka umuco, ukaba noneho uwubonye, ukava mu mwijima, Alleruya!!!

Ariko rero bakobwa b’i Babuloni, ngo igipfa kiburiwe n’impongo: Ibi tuvuga ntivyanditswe n’abasabato canke abadivantiste, ntivyanditswe n’Abayuda canke abarokore. Uwo Yesu muvuga ko yababohoye kw’isabato, niwe abahakanira ati: N’uko uwuzorenga ibwirizwa narimwe ryoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abandi ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Ariko uyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru (Matayo  5: 19). Wohava umbwira uti: none mbaye muto hanyuma y’abandi, ariko nkaba ndi mubwami bw’Imana, ikibazo se coba kiri hehe? Igisubizo: Kwitwa muto mu bwami bw’Imana, niko kuba mu kibanza ca nyuma. Kandi Yesu aravuga ati: Kandi hari ab’inyuma bazoba ab’imbere, nab’imbere bazoba ab’inyuma (Luka 13: 30). Kuri abo bazoba ab’inyuma ngo  »aho niho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo (Luka 13: 28). Bite se kandi kandi yavuze ko hazoba ari mu bwami bw’Imana? Yego nyene. Erega n’uwo muriro bazojamwo nawo wacanywe n’Imana, ntiwibaze ngo n’umuriro  wadometswe canke waremwe na Satani. Muri Bibliya y’ikinyarwanda dusoma ngo: Uwiteka yahagize hagari (hanini), ikome ryaho(icokezo caho) n’umuriro w’inkwi nyinshi, umwuka w’Uwiteka umeze nk’umugezi w’amazuku ariwo urikongeza (uridomeda) (Yesaya 30: 33) Kuko Satani nta kintu na kimwe yaremye, akazi kiwe n’ukonona ivyaremwe gusa. N’uwo muriro urumvako wacanywe n’Imana.  Handitswe kandi ngo: Maze azobwira n’abari i bumoso, ati Mva i ruhande mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima, wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe(Matayo 25: 41). S’Umurwanizi yawuteguye, ahubwo yarawuteguriwe.gehenne Umurwanizi n’ukuvuga  »Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Imana » umu opposant. Aho hazotsindagirwayo abadafise ca kimenyetso c’Imana, kuko bazoba bahisemwo ikimenyetso c’inyamaswa.

Abasenyeri  bakomeye muri Ekleziya Gatorika baravuze aya majambo ngo: Ekleziya Gatorika, ibitewe n’amabanga yashinzwe n’Imana, yarakuye icubahiro ku musi w’indwi (samedi) igishira ku musi wa mbere, vyabaye imbere y’imyaka irenga 1000, imbere y’uko haboneka umuprotestanti n’umwe (Catholic Mirror, septembre 1893). gibbonsEgome, Ekleziya Gatorika iremeza ko ariyo yahinduye ivyo. Ni naco kimenyetso c’ubutegetsi n’ubugabo bwayo mu vyerekeye iyoboka Mana (C. F. Thomas, chancellier du Cardinal Gibbons).

Iyi ni ifoto ya Cardinal Gibbons

Umve rero twumvikane: Ni hagira umuntu asenga cagikoko, akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo nawe azonywa kuri vino, niyo burake bw’Imana, yiteguwe idafunguwe mu gakarabo k’uburake bwayo. Kand’azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi. Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw’ijoro, abasenze cagikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco (Ivyahishuwe 14: 9-12).

Gushirwa kw’ikimenyetso caco mu kiganza canke ku ruhanga, bivuga ngo gupfa gukora ivyo wigombeye n’amaboko yawe ku musi wayo wera, ariwo w’indwi, samedi (Yesaya 58: 13, Ivyakozwe n’Intumwa 16: 13-15). Mu ruhanga, n’ukuvuga ko ushobora kuba wiyemeza n’ubwenge bwawe bwose kugarariza, kugomera iryo tegeko ry’Imana, wishimikije idini, ubukene, canke gutinya gupfa n’ibindi…

Abantu batari mw’ishengero Gatorika ry’i Roma, iyo bifatanije naryo mu kweza dimanche bishimikije inyigisho z’amangetengete yazanywe n’abayobozi b’ayo madini, baba baremye igishushanyo c’inyamaswa. Nico gituma ubu butumwa butunga urutoke abasenga inyamaswa n’igishushanyo cayo, mu misi y’iherezo. N’ukuvuga abakunda inyigisho z’Ekleziya Gatorika canke z’Abaprotestanti b’iki gihe, bakazirutisha iziri mw’Ijambo ry’Imana.  Nico  gituma ubu butumwa bwiza buvuga buti: Nta mukobwa, nta nyina, bose ni kimwe (Ezekiyeli 16: 44). Wibuke ko mu cigisho giheruka twize ko Bibiliya yerekana ko bariya bera ibihumbi ijana na mirongwine na bine batandujwe n’abagore(Ivyahishuwe 14: 4). Twarasobanuye ko abagore basobanura amashengero nkuko Bibiliya ibivuga (1Abakorinto 11: 2, Abagalatiya 4: 24-31).

Amadini ya gipagani yose azoruhira kuvangwa n’ayabakristu yaguye. Kandi nico amanama ya Oeucuménisme ashaka kugerako.

Hariho abantu baharaye kuvuga ngo: Dukundane gusa, ivyo birakwiye kuko Imana n’imwe. Abandi bati: Kwigisha ijambo ry’Imana n’ukuzana ibice bitandukanya abavukana. Iyo s’imvugo yo muri Mpwemu, n’iy’abadayimoni. Kuko Ijambo ry’Imana rivuga ko hari abasenga Imana n’abasenga ibigirwamana (Zaburi 115: 2-9). Nta nyigisho yerekeye kugiriranira ubumwe n’abatubaha Imana iboneka muri Bibliya, ah’ubwo handitswe ko tugomba kubatwara neza (kubagusha neza ) tukabereka Kristu yababambiwe ku musaraba. Handitswe ngo:

Mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo no kuvyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye(1Petero 2:12). Ni muve hagati ya ba bandi, mu bitandukanyeko, niko Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe, nanje nzobakira, kandi nzobabera So, namwe muzombera abahungu n’abakobwa, niko Uhoraho ashobora vyose agize (2Abakorinto 6: 17-18)

Ndavyigisha, ariko nziko bitoroshe kubigumya (kubikomeza). Ariko uko vyoba kwose, ntutinye ivyo ugiye kubabazwa. Eh’uwo Murwanizi azoshira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi icumi. Wame uyoboka gushitsa gupfa, nanje nzoguka urugori rw’ubugingo (Ivyahishuwe 2: 10). Raba inkuru yerekeye ukuntu uwu mukristu bariko baramwica urw’agashinyaguro kubera izina rya Yesu. Vyabaye vuba cane muri Turquie. Fyonda kuri: tp://www.paperblog.fr/1661933/la-turquie-persecute-ses-chretiens/ La Turquie persécute ses chrétiens 

Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara gutsinda, azokwambikwa urugori rw’ubuzima, rumwe Imana yasezeranira abayikunda (Yakobo 1: 12). Kandi rero: Aha niho ukwihangana kw’abera kubonekera. Bitondera amategeko y’Imana, bakagira no kwizera nka Yesu (Ivyahishuwe 14: 12). Uyu murongo, reka ndawushire mu kirundi gisanzwe: Aha niho ubugabo bw’intore z’Imana bubonekera, bitondera amategeko y’Imana, bagahagarara nk’abagabo nka Yesu. Ni vyaba ibi uvyumvise neza, kandi ukaba wiyemeje kubikurikiza, naho wopfa uyu musi nta rubanza rwoba rukuriko. Nuko rero noneho abari muri Kristu Yesu nta rubanza ruzobatsinda (Abaroma 8: 1) Kandi burya ngo: Urupfu rw’abakunzi b’Imana, rugira agaciro karekere mu maso yayo (Zaburi 116: 15) comingpersecution

N’uko rero umenyeko, Hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati: egome, ngo baruhuke ubutame bwabo, kuko ibikorwa vyabo bijana nabo bibakurikiye (Ivyahishuwe 14: 13).

Mbese ibintu uriko urakora muri iyi misi bigukurikiranye, ubona vyoguhesha agaciro imbere y’intebe y’Imana? Canke vyogukoza isoni?

Imana ikugirire neza mwene Data, iguhe kurwana utsinda, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

ANDIKA IVYO WIBAZA VYOSE KURI IKI CIGISHO NGAHA HEPFO HABIGENEWE

Publié dans:Non classé |on 14 décembre, 2010 |1 Commentaire »
12

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire