ISAH’IMWE YO MU VYAHISHUWE 18: 19

WOBA UFISE UBWATO MU RUZI? WOBA UJABUKIRIZWA MU BWATO? WOBA UR’UMUSOZA CANKE WOBA UTUNZWE N’IKIYAGA?

Kandi nyen’ubwato wese n’umuntu wese ajabukirizwa mu bwato ahantu hose, n’abasoza n’abatunzwe n’ikiyaga bari bahagaze kure, kandi bakiraba umwotsi wo kuyigizwa kwaco (kwa Babuloni), barataka bati: N’ikihe cari gihwanye na kiriya gisagara gihambaye? Biyorera imikungugu ku mitwe, bataka barira baboroga, bati: N,ibara n’ibara, cagisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bwaco abafise amato yabo mu kiyaga bose, kuko ca kumvovowe mw’isaha imwe (Ivyahishuwe 18: 17-19).

Image result for pirogue de peche Nigeria

Muri kino cigisho, muri kumwe n’umunyayaha yagiriw’ubuntu, akaba na mwene So musangiye intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo.

Biraboneka ko aya majambo yerekeye ubuzima bw’abarovyi, n’abakoresha amato mu kujabutsa abantu, canke mu gushora ibidadazwa, canke kurangura ibizanywe n’amato. Ariko rero mu mvugo y’ubuhanuzi, bivuga ibindi bintu. Ubwato nibwo Petero n’izindi ntumwa Yakobo na Yohani bakoresha imbere y’uko bahura n’Umwami Yesu. Ubwato bwabo nibwo Yesu yakoresheje mu kugirango abereke ko bazoba abarovyi b’abantu. Abona amato abiri aziritswe ku nkombe y’ikiyaga, ariko abarovyi bari bayavuyemwo, boza insenga. Atambukira mu bwato bumwe bwari ubwa Simoni, aramusaba ngo abwigizeyo buve ku nkombe gatoya, aricara yigisha ishengero ari mu bwato. Ahejeje kuvuga, abarira Simoni ati: Igira mw’idamba, muterere insenga zanyu murobe. Simoni aramwishura ati: Erega Mwigisha twakesheje ijoro ryose, twatamye ntaco twafashe, ariko kubw’ijambo ryawe, ndaterera insenga. Babigize baroba ifi nyinshi cane, insenga zabo zigomba gucika. Bakura bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze babafashe. Baraza, buzuza amato yose, ashaka kudobera. Ariko Simoni Petero abibonye, yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’umunyavyaha. Kuko atangaye, n’abari kumwe nawe, babonye ifi barovye. Na Yakobo na Yohani bene Zebedayo nabo baratangara, bari bafatanije na Simoni. Yesu abwira Simoni ati: Ntaco utinya, uhereye none, uzoroba abantu. Bahejeje gushikana amato ku nkombe,basiga vyose baramukurikira (Luka 5: 2-11).

Mur’aya majambo tumaze gusoma, biragaragara ko Yesu akoresheje ubwato mu kuroba imitima y’abantu, n’ukuvuga mu kubigisha. Kuko dusomye ngo: Atambukira mu bwato bumwe bwari ubwa Simoni, aramusaba ngo abwigizeyo buve ku nkombe gatoya, aricara, yigisha ishengero ari mu bwato (Luka 5: 3). Ngo yatambukiye mu bwato bumwe. Birumvikana ko atawicara mu bwato bubiri ar’umwe. Ni naco gituma ata n’uwushobora gufadikanya amashengero abiri, canke amadini abiri. Ni muze mufate icicaro mu bwato Yesu yicayemwo, mushobore kumukorera. Aho niho ukwihanganakw’abera kubonekera, bitondera amategeko y’Imana no kwizera nkaYesu (Ivyahishuwe 14: 12)

Nkumbure har’igihe wavugiye Imana uraruha ubura n’umwe akwumviriza. Ntucike intege, hazoz’igihe ijoro rica. Yesu azoramutsa abarovyi bose bari mu bwato hamwe na We, nkuko yaramukije Petero na bagenzi biwe. Azobabwira baterere insenga mu kiyaga, kandi bazoroba ifi nyinshi. Ikiyaga s’ikindi kivugwa, n’abo bantu nyene watumweko; kuko ijambo ry’Imana rivuga riti: ya mazi wabonye, maraya yicarako, niyo moko n’amakungu y’abantu, n’amahanga n’indimi (Ivyahishuwe 17: 15). Ni mur’ayo mazi menshi nyene tugomba guterer’insenga z’Umwami Yesu, kandi tuzoroba ifi nyinshi. N’ukuvuga ko imitima myinshi izokizwa. Ico gihe kigiye gushika, aho tuzohamagarana tuti ngw’ino mudufashe gukweg’urusenga. N’abapagani bo hanze bazoza bihane, ndetse binjire mu bikorwa vy’Imana, kugira ngo inkuru nziza ikwire isi yose vuba, maze Yesu agaruke. Kand’abazoba barikure bazoza, bubake urusengero rw’Uhoraho Nyen’ingabo; niho muzomenya ko Uhoraho Nyen’ingabo ari we yabantumyeko. Ivyo bizoshika ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho nyen’ingabo. Uko niko Uhoraho agize, ati Hazoza amahanga azananye n’ababa mu bisagara vyinshi, kand’ababa mu gisagara kimwe bazoja mu kindi, bavuge bati: Ni muze twihute tuje gusaba Uhoraho umugisha, dusiguze Uhoraho Nyen’ingabo natwe turajana (Zekariya 6: 15; 8: 20-21). Uko niko ubwato bw’Uhoraho n’insenga z’Uhoraho buzoroba benshi cane.

Ariko hazoboneka abandi bantu bari bafise amato yabo mu kiyaga nyene, n’ukuvuga ko nabo bafise amashengero n’amadini mu moko yo mw’isi. Ariko kur’abo, ivyabo bizoba urudubi, kuko mu vyo bakora, bishinga kwisunga imico n’imigenzo y’i Babuloni. Aho bazobona ko ya misi mikuru  yose bahora bahimbaza ibahindukiye imisi y’ikigandaro, bazorira, bazoboroga. Bazorira, hamwe n’abakristu babo, abapasitori n’abandi bakuru b’ayandi madini atar’ay’abakristu, bari babeshejweho nayo, bazokorwa n’isoni. N’uko rero muri iyo saha ya nyuma, nyen’ubwato wese, n’umuntu wese ajabukirizwa mu bwato ahantu hose, n’abasoza, n’abatunzwe n’ikiyaga (Ivyahishuwe 18: 17), bazoraba umwotsi wo kuyigizwa kwa Babuloni, barire baboroge.ISAH'IMWE YO MU VYAHISHUWE 18: 19

Ndakwingize ngo utambukire mu bwato Yesu yahay’umugisha, uze ufadikanye na bene Data gukwega ifi nyinshi, kuko duhagarikiwe n’Umwami w’umunyabushobozi, Yesu. UBWO BWATO YESU YAHAYE UMUGISHA, N’UBW’ABITONDERA AMATEGEKO Y’IMANA NO KWIZERA NKA YESU. Nibo bakomeza isabato yo mu mategekocumi, bozanya ibirenge bakamanyagura n’imitsima, nkuko ubutumwa bwiza twahawe bubivuga, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans : Non classé |le 30 novembre, 2010 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire