Archive pour novembre, 2010

ISAH’IMWE YO MU VYAHISHUWE 18: 19

WOBA UFISE UBWATO MU RUZI? WOBA UJABUKIRIZWA MU BWATO? WOBA UR’UMUSOZA CANKE WOBA UTUNZWE N’IKIYAGA?

Kandi nyen’ubwato wese n’umuntu wese ajabukirizwa mu bwato ahantu hose, n’abasoza n’abatunzwe n’ikiyaga bari bahagaze kure, kandi bakiraba umwotsi wo kuyigizwa kwaco (kwa Babuloni), barataka bati: N’ikihe cari gihwanye na kiriya gisagara gihambaye? Biyorera imikungugu ku mitwe, bataka barira baboroga, bati: N,ibara n’ibara, cagisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bwaco abafise amato yabo mu kiyaga bose, kuko ca kumvovowe mw’isaha imwe (Ivyahishuwe 18: 17-19).

Image result for pirogue de peche Nigeria

Muri kino cigisho, muri kumwe n’umunyayaha yagiriw’ubuntu, akaba na mwene So musangiye intambara y’umusaraba, Balthasar Miburo.

Biraboneka ko aya majambo yerekeye ubuzima bw’abarovyi, n’abakoresha amato mu kujabutsa abantu, canke mu gushora ibidadazwa, canke kurangura ibizanywe n’amato. Ariko rero mu mvugo y’ubuhanuzi, bivuga ibindi bintu. Ubwato nibwo Petero n’izindi ntumwa Yakobo na Yohani bakoresha imbere y’uko bahura n’Umwami Yesu. Ubwato bwabo nibwo Yesu yakoresheje mu kugirango abereke ko bazoba abarovyi b’abantu. Abona amato abiri aziritswe ku nkombe y’ikiyaga, ariko abarovyi bari bayavuyemwo, boza insenga. Atambukira mu bwato bumwe bwari ubwa Simoni, aramusaba ngo abwigizeyo buve ku nkombe gatoya, aricara yigisha ishengero ari mu bwato. Ahejeje kuvuga, abarira Simoni ati: Igira mw’idamba, muterere insenga zanyu murobe. Simoni aramwishura ati: Erega Mwigisha twakesheje ijoro ryose, twatamye ntaco twafashe, ariko kubw’ijambo ryawe, ndaterera insenga. Babigize baroba ifi nyinshi cane, insenga zabo zigomba gucika. Bakura bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze babafashe. Baraza, buzuza amato yose, ashaka kudobera. Ariko Simoni Petero abibonye, yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’umunyavyaha. Kuko atangaye, n’abari kumwe nawe, babonye ifi barovye. Na Yakobo na Yohani bene Zebedayo nabo baratangara, bari bafatanije na Simoni. Yesu abwira Simoni ati: Ntaco utinya, uhereye none, uzoroba abantu. Bahejeje gushikana amato ku nkombe,basiga vyose baramukurikira (Luka 5: 2-11).

Mur’aya majambo tumaze gusoma, biragaragara ko Yesu akoresheje ubwato mu kuroba imitima y’abantu, n’ukuvuga mu kubigisha. Kuko dusomye ngo: Atambukira mu bwato bumwe bwari ubwa Simoni, aramusaba ngo abwigizeyo buve ku nkombe gatoya, aricara, yigisha ishengero ari mu bwato (Luka 5: 3). Ngo yatambukiye mu bwato bumwe. Birumvikana ko atawicara mu bwato bubiri ar’umwe. Ni naco gituma ata n’uwushobora gufadikanya amashengero abiri, canke amadini abiri. Ni muze mufate icicaro mu bwato Yesu yicayemwo, mushobore kumukorera. Aho niho ukwihanganakw’abera kubonekera, bitondera amategeko y’Imana no kwizera nkaYesu (Ivyahishuwe 14: 12)

Nkumbure har’igihe wavugiye Imana uraruha ubura n’umwe akwumviriza. Ntucike intege, hazoz’igihe ijoro rica. Yesu azoramutsa abarovyi bose bari mu bwato hamwe na We, nkuko yaramukije Petero na bagenzi biwe. Azobabwira baterere insenga mu kiyaga, kandi bazoroba ifi nyinshi. Ikiyaga s’ikindi kivugwa, n’abo bantu nyene watumweko; kuko ijambo ry’Imana rivuga riti: ya mazi wabonye, maraya yicarako, niyo moko n’amakungu y’abantu, n’amahanga n’indimi (Ivyahishuwe 17: 15). Ni mur’ayo mazi menshi nyene tugomba guterer’insenga z’Umwami Yesu, kandi tuzoroba ifi nyinshi. N’ukuvuga ko imitima myinshi izokizwa. Ico gihe kigiye gushika, aho tuzohamagarana tuti ngw’ino mudufashe gukweg’urusenga. N’abapagani bo hanze bazoza bihane, ndetse binjire mu bikorwa vy’Imana, kugira ngo inkuru nziza ikwire isi yose vuba, maze Yesu agaruke. Kand’abazoba barikure bazoza, bubake urusengero rw’Uhoraho Nyen’ingabo; niho muzomenya ko Uhoraho Nyen’ingabo ari we yabantumyeko. Ivyo bizoshika ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho nyen’ingabo. Uko niko Uhoraho agize, ati Hazoza amahanga azananye n’ababa mu bisagara vyinshi, kand’ababa mu gisagara kimwe bazoja mu kindi, bavuge bati: Ni muze twihute tuje gusaba Uhoraho umugisha, dusiguze Uhoraho Nyen’ingabo natwe turajana (Zekariya 6: 15; 8: 20-21). Uko niko ubwato bw’Uhoraho n’insenga z’Uhoraho buzoroba benshi cane.

Ariko hazoboneka abandi bantu bari bafise amato yabo mu kiyaga nyene, n’ukuvuga ko nabo bafise amashengero n’amadini mu moko yo mw’isi. Ariko kur’abo, ivyabo bizoba urudubi, kuko mu vyo bakora, bishinga kwisunga imico n’imigenzo y’i Babuloni. Aho bazobona ko ya misi mikuru  yose bahora bahimbaza ibahindukiye imisi y’ikigandaro, bazorira, bazoboroga. Bazorira, hamwe n’abakristu babo, abapasitori n’abandi bakuru b’ayandi madini atar’ay’abakristu, bari babeshejweho nayo, bazokorwa n’isoni. N’uko rero muri iyo saha ya nyuma, nyen’ubwato wese, n’umuntu wese ajabukirizwa mu bwato ahantu hose, n’abasoza, n’abatunzwe n’ikiyaga (Ivyahishuwe 18: 17), bazoraba umwotsi wo kuyigizwa kwa Babuloni, barire baboroge.ISAH'IMWE YO MU VYAHISHUWE 18: 19

Ndakwingize ngo utambukire mu bwato Yesu yahay’umugisha, uze ufadikanye na bene Data gukwega ifi nyinshi, kuko duhagarikiwe n’Umwami w’umunyabushobozi, Yesu. UBWO BWATO YESU YAHAYE UMUGISHA, N’UBW’ABITONDERA AMATEGEKO Y’IMANA NO KWIZERA NKA YESU. Nibo bakomeza isabato yo mu mategekocumi, bozanya ibirenge bakamanyagura n’imitsima, nkuko ubutumwa bwiza twahawe bubivuga, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans:Non classé |on 30 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

WUMVA WOSHIGIKIRA IKI GIKORWA C’IMANA?

Abantu bakurikiye ibi vyigisho vy’Ubuhanuzi bariko barasohoka mu mashengero yabo, bakarema ayandi mashengero yubahiriza isabato y’Imana, kandi basohoka ari benshi. Mu Burundi, biraboneka neza, kuko havutse iteraniro rimaze gukomera i Bujumbura. Dufise n’irindi ku Muzinda, ariko turiko turatangura n’ayandi: Mu Karusi, mu Kirundo, no Mu Kiziba ku Mwumba. Aba bantu baterana biga Bibiliya ngo batahure amabanga bahishijwe. Barakeneye gukodesha ibibanza  bateraniramwo, intebe zo kwicarako, ibitabo n’ibindi.

Ushobora kugira ico woduterera mwo, twandikire kuri iyi e.mail: paroissetwihane@yahoo.fr.

Mushobora no guhamagara i Burundi: 79-321090, Canada 418-353-2777.

Rapport:

Muri iki gihe nanditse aya majambo, PAROISSE TWIHANE ifise abantu bamaze kuza kuraba ibi vyigisho bashika kuri

9370; muribo harimwo 3634 biga ivyigisho vya Bibiliya bavyitayeho.

HANDITSWE ngo nayo n’iyindi website yacu, ifise

647, muribo harimwo 304, biga ivyigisho vya Bibiliya bavyitayeho.

BURUNDI BWA KRISTU, nayo n’iyindi website yacu, ifise

384, muri bo harimwo 197 biga ivyigisho vya Bibiliya bavyitayeho.

Dufise n’izindi website zigisha abanyamahanga batazi ikirundi:

MON SAUVEUR M’AIME, mu gifransa, yigisha ubuhanuzi bwa Daniyeli, ifise

4011, muri bo harimwo 2820 biga ivyigisho vya Bibiliya bavyitayeho

ESSTEHTGESCHRIEBEN, mu kidagi nayo itanga ijambo ry’Imana buri musi, kuva ku wa 20 Munyonyo 2010. Ifise

20 muribo harimwo 8 bama baza imisi yose.

Publié dans:Non classé |on 30 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

ISAH’IMWE YO MU VYAHISHUWE 18: 10

 Soma ngo Ivyahishuwe 18: 16

WAR’UZI KO BACURUZA IMIBIRI Y’ABANTU N’UBUGINGO BWABO?

Soma iki cigisho wumve:

N’abadandaza bo kw’isi barakiririra, barakiborogera, kuko ata wukibagurira, ibishorano vyabo, bizanwa mu bwato, ibishorano vy’izahabu n’ifeza, n’utubuyenge tw’igiciro kinini, n’imaragarita, n’impuzu zera nziza, n’iz’inyambarabami, na hariri, n’iz’agahama, n’imbaho zose zimota neza, n’imbombovu zose z’ibintu vyabajwe mu mahembe y’inzovu, n’imbombovu zose z’ibintu vyabajwe mu biti vyiza vy’igiciro kinini, n’ivyacuzwe mu miringa no mu butare, n’ivyabajwe mw’ibuye ryitwa marimari, n’ibisosa vyitwa mudarasini, n’imbazi, n’imibavu, n’amavuta amota neza, n’isenga na vino n’amavuta ya elayo, n’ifu isetse neza, n’ingano, n’inka, n’intama n’amafarasi, n’imikogote, n’imibiri y’abantu n’ubugingo bwabo. Kandi iyera ryo kwipfuza kw’umutima wawe rigukuweko, n’ibintu vyose biryoshe n’ibirabika neza biguhonyeko, ntibazobibona ukundi. Abashora ivyo, batungishijwe n’ico gisagara bazohagarikwa kure no gutinya ugushinyagurirwa kwaco, barira baboroga, bati n’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu zera nziza z’inyambarabami n’iz’agahama, kandi cisakaye inzahabu nziza n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, kuk’ubutunzi bungaho bukomvomvotse mw’isah’imwe! (Ivyahishuwe 18: 11-17).ISAH'IMWE YO MU VYAHISHUWE 18: 10 Les-messes-de-Noel-dans-le-Rhone_image-mobile

Tubanze twibukanye ko igisagara c’i Babuloni kivugwa ko atari Babuloni ya kera mu gihe ca ba Nebukadineza. Twarize neza ko intumwa Petero itigeze kuba i Babuloni, kuko mu gihe ca Petero, Babuloni hari harasanganguwe, ntihari hakiriho. Ariko mu gihe Petero yar’ayoboye ishengero ry’i Roma, Mpwemu Yera ariwe benshi bita Mutima Mweranda, yerekanye neza ko i Roma aho Petero aba, ko ariho Babuloni, mu buryo bwo mu mpwemu, canke se mu mvugo y’ijambo ry’Imana. Tubimenyeshwa n’aya majambo Petero yandikiye amashengero ngo: Ishengero ry’i Babuloni ry’abatoranijwe nkamwe rirabatasha (1Petero 5: 13). Dukwiye no kureka kwitiranya ibintu n’ibindi. Kuba ishengero ry’Imana ryari i Babuloni mu gihe ca Petero, ntibivuga ko iryo shengero ari ryo Babuloni. Dushobora gukorera igikorwa c’Imana mu bantu badakunda ukuri canke batakuzi, ariko ntibivuga ko tubaye abansi b’ukuri. Twibukanye na none ko ishengero Petero yayoboye i Roma, ritari ishengero gatorika, nkuko benshi bavyibaza. Ivyo vyo kwitwa abagatorika vyagiye gutangura inyuma nko mu kinjana ca 5 nyuma ya Yesu, kubera imico yari yagiye yinjizwa mw’ishengero ry’Imana bukebuke. Messe-de-Noel_imagelargeKwemera iyo mico ni kwo kwatumye ishengero rigera no kuri ca cemezo co kuyoboka dimanche, umusi wo guseng’izuba, guhindur’umubatizo, gusaba abantu bapfuye babita ngo n’aberanda, gushira Mariya hagati y’abantu na Yesu bakavuga ngo ni we atuvuganira ku mwana wiwe n’ibindi… Nyuma y’aho umwami Constantino agarukiye ishengero ry’abakristu ryari ryaracurangujwe, niho Satani yigisha ishengero kuboneraho akaryo ko kwigira agakomeye, rigafata ikibanza nyaco c’abami b’Abaroma, ari mu vy’idini 437441_1canke muri politique. Ariko Yesu igihe yasengera ishengero yari yabwiye Data ati: Nabahaye ijambo ryawe; kand’ab’isi barabanka, kukw’atar’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi. Singusaba ngo ubakure kw’isi, ariko ngo ubarinde wa Mubi.  S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi (Yahani 17: 14-16). Ariko  ishengero ntiryitayeho ivyo Yesu yarisengeye,  ryakundanye n’ab’isi, Le+25+d%C3%A9cembre+de+l%27an+800,+%C3%A0+Saint-Pierre+de+Rome,+Charlemagne+est+couronn%C3%A9+empereur+par+le+pape+L%C3%A9on+III.+Sacre+de+Charlemagnericika iry’isi, hako ryemera ko Data aririnda wa Mubi, ryagiye kugiriranira amasezerano na wa Mubi nyene. Niho rero mu nsengero no mu birori vyabo, baza bakoresha biriya bintu mubonye hariya hejuru, ivyo Imana yagiriza Babuloni, ikavuga ko vyose bizokomvovorwa! Reka twongere tuvuge iriya mibiri y’abantu n’ubugingo bwabo: Kuko mw’ishengero ry’i Roma bagumya ibisigisigi vy’imibiri y’abo bita aberanda (abatagatifu), bagacuruza ubugingo bwabo, mu gusoma misa ziba zahariwe abo bantu bita aberanda, kandi izo misa zizana amahera menshi. Iyumvire amahera yinjira nk’iyo bariko barashira umuntu mu gitabo c’abatagatifu (canonisation), imisa basomera abapfuye,messe-presidee-par-mgr-jean-claude-turcotte-samedi-au-stade-olympique-pour-souligner-la-canonisation-du-frere-andre cane cane abantu bakomakomeye! Ubwo rero bagatangura no kubasaba ngo babavugire kuri Yesu. Tutaraja kure kuri iyi ngingo: ni bababwira ngo ni mubaze abahamagara imizimu, mubaze n’abamenyi bajwigira bongorera, murababwira muti:  mbeg’ivy’abapfuye vyobazwa abazima? (Yesaya 8: 19). Burya kubwira umuntu yapfuye ngo: Ludoviko mweranda, dusabire, Yozefu mweranda dusabire, n’ibindi…n’ugicisha kubiri n’ijambo ry’Imana. Ivyo vyavuye mw’idini rya gipagani ry’i Babuloni, ryari ryarigaruriye Roma. Kuko bo baremera ko abapfuye bashobora kubaserukira neza ku mana, kandi iyo mana yar’izuba. Kuko kuva kera, abapagani baremeza ko Nimurodi yajanywe n’imana kuba mu zuba. (Inkuru ya Nimurodi iri mw’Itanguriro 10: 8-11). Tukivuga ivy’imibiri y’abantu, twibuke ko mu vyo Mpwemu Yera arega Babuloni yo muri iki gihe harimwo ikirego kivuga ngo: Kandi mur’ico gisagara amaraso y’abavugishwa n’Imana n’ay’abera S%C3%A9ance+de+torture+sous+l%E2%80%99Inquisition+bas+de+vignette+cn’ay’abishwe bo mw’isi bose niho yabonetse (Ivyahishuwe 18: 24). Iri jambo ngo : n’ayabishwe bose bo mw’isi, rirateye ubwoba. N’ukuvuga ko amaraso yose ameneka mw’isi muri iki gihe, Uhoraho ayashira ku mutwe wa Babuloni!!!! Ntivyoroshe kwemera, ariko dukwiye kwumva ko iyo ishengero riza gukomeza inzira imwe yo gukwiza inkuru nziza ya Kristu, ntiryisuke mu ntwaro no mu yandi mangetengete y’isi, ryari kuba umuco w’ukuri w’isi. N’igikorwa c’Imana kiba cararangiye kera, ubu tuba turiko turagendagenda mu mihanda myiza y’i Yerusaremu ho mw’ijuru!Na kare ubutumwa twahawe buvuga ngo: bible_ouverteKand’ubu butumwa bwiza bw’ubwami buzovugwa kw’isi yose ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza (Matayo 24: 14) Ariko siko vyagenze, kuko n’amashengero yandi yashatse kugorora ivyo Roma yafuditse, yaguye mu mitego myinshi yatezwe, vyose biba nka wa mugani ngo: N’umwungu wa rwa ruyuzi! Ariko abakozi b’ukuri b’Imana ivyo ntibibahungabanye ngo mucike inkokora. Kuko mukwiye kwihangana, kugirango ni mwamara gukora ivy’Iman’igomba mubone guhabwa ivyo yabasezeraniye. Kuko hasigaye igihe gito cane, kand’uwugira aze (niwe Yesu) azoza, ntazoteba (Abaheburayo 10: 36-37).

Mw’isaha yanyuma rero, ariho muri ya misi cumi n’itanu ya nyuma, vyose bizokomvomvorwa, Babuloni izosigara yiburase, izimangane, ubutakigaruka! Nkumbure iki gitigiri mvuze, bamwe ntibamenye aho nagikuye, reka mbanze nsubire kugisobanura kandi. Mu buhanuzi bwa Bibiliya havugwa ngo: kuk’umusi uzohwana n’umwaka (Guharura 14: 34). Tubona mu gitabo c’ivyahishuwe ko umwaka wo mu buhanuzi ungana n’imisi 360, igabanijwe mu mezi 12, y’imisi 30. Nkako 12 x 30=360. Ivyo navyo biri muri iyi mirongo:Inquisition+espagnole kandi igisagara cera kizosiribangwa  amezi 42. Kand’abashingir’intahe nzobavugisha, bazovugishwa imisi 1260 (Ivyahishuwe 11: 2-3). Raba neza usanga amezi 42 x 30= bingana n’imisi 1260 nyene. Umusi nawo ufise amasaha 12, n’ijoro rikagira 12, yose akaba 24. Non’isaha z’umurango si 12? (Yohani 11: 9). Ni waba umusi w’amasaha 24 wo muri Bibiliya uhura n’umwaka w’imisi 360 mu mvugo y’Imana, isah’imwe ica ingana na 360: 24. N’ukuvuga imisi 15.7d9311f24fbravur Uko biri kwose iyo sah’imwe ivugwa mu vyahishuwe, n’igihe co kwihora kw’Imana, aho Babuloni izocirwa kw’iteka! N’uko rero ni mwumve inama y’Uhoraho yarunduye kuri Babuloni… ati: N’ukuri bazobakwega nk’imyagazi yo mu mukuku, n’ukuri azobagesezanya n’aho baba. Isi ihindishwa agashitsi no kwumva ugutsindwa kw’i Babuloni, amaruru yaho yumvikana mu mahanga(Yeremiya 50: 45-46).  Ewe uba ku materaniro y’amazi menshi, ukaba mu bihinda vy’ubutunzi, umuhero wawe urashitse, ipfa ryo kudahaga kwawe riraherewe. Uhoraho Nyen’ingabo yarahiye ubwiwe ati: N’ukuri i wawe nzohuzuza abansi bagutere nk’inzige: bazokuremesherezako akaruru. Isi ihinze agashitsi, irasambagirika, kuko imigabo Uhoraho yagiriye i Babuloni igihamye, ngo ahindure igihugu c’i Babuloni ibitongozi, ata wukihaba. Intwaramiheto z’i Babuloni zahevye kurwana, bigungiye mu bihome vyabo, ubutore bwabo buraheze, bacitse bwa bagore, amazu yabo araturiwe n’umuriro, ibihindizo vyabo biravunaguritse. Intabaza imwe izohura n’iyindi, n’intumwa imwe ihure n’iyindi ngo bamenyeshe umwami w’i Babuloni yuko igisagara ciwe gitsinzwe impande zose; kandi ko bazitiye ivyambu giturumbuka, baturiye n’urufunzo, kandi ko intwaramiheto zacitse ivutu (Yeremiya 51: 13-14, 29-32)

None weho bite? Reka gusinzira umukondorazosi, article_sommeilkuko nta mahoro ari ngaho hantu! Kuko nkuye amahoro yanje kur’ubu bwoko, bo n’imbabazi no kugirirwa neza, ni jewe Uhoraho mbivuze! (Yeremiya 16: 5). Bantu banje ni muve iwe mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabwa ku vyago vyiwe. afrique4Kukw’ivyaha vyiwe vyarundanijwe bigashika kw’ijuru, kand’Imana yibutse ibicumuro vyiwe (Ivyahishuwe 18: 4-5).

Ni mugende, ni mugende muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yabo; mwitunganye; yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho. Kuko mutazovayo mwihuta, canke ngo mugende nk’abahunga: kuko Uhoraho azobaj’imber2742646097_b284d99096e; Imana y’Abisirayeli izobayobora (Yesaya 52: 11-12). Mbese izo mbobovu z’Uhoraho mushoreye murazizi? Ni bwa butumwa bwiza bwose mwahawe kuvuga, ngo butunganye igihugu c’Imana cose imbere y’uko Yesu agaruka. 0000002566PMwese mukwiye gukora ico gikorwa co gutwara ubutumwa bwiza bw’amahoro, umwe wese agakoresha ingabirano Imana yamuhaye. Abazovyemera bakabikora bazogira umugisha. Bagenda bunguka inkomezi, umuntu wese wo muri bo aseruka imbere y’Imana i Siyoni (zaburi 84: 7), ku bwa Yesu-Kristu, umwami wacu. Amen

Publié dans:Non classé |on 30 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

ISAH’IMWE YO MU VYAHISHUWE 18: 16

Paroisse twihane iraguha ijambo ry’Imana imisi yose. Raba hariya hepfo handitswe ngo: Ijambo ry’Imana mur’iki gitondo

IBARA RIZOBA AHO RIDAKEKWA MW’ISAHA YA NYUMA

Kand’abami bo kw’isi, abasambana nawe, bagasangira nawe ibihinda vyiwe bazomuririra bamuvugirize amaruru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe, bahagaritswe kure no gutinya umwotsi wo gushinyagurigwa kwiwe, bati n’ibara, n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni wa gisagara c’inkomezi, kuko mw’isah’imwe iteka uciriweko rigushikiriye! (Ivyahishuwe 18: 9-10).

Mur’iyo saha ya nyuma, ba bami twiga mu cigisho giheruka, ngo bazoririra uwo mumaraya. Tuvyumvikane neza: Uwu mumaraya s’umugore akenyeye igitenge nk’uko dusanzwe tubona abagore, ISAH'IMWE YO MU VYAHISHUWE 18: 16 com-politique-afrique-1n’igisagara ca Babuloni. Kandi s’igisagara c’amazu yubatswe n’amabuye n’amatafari, n’ukuvuga abantu bishize hamwe, bakagira uburyo bwo kwigisha ibidasobanutse, ariko bikabatungisha cane bakaba ibihangange. Reka dusome: Uwo mugore yambaye impuzu z’inyamzoftig-women-dress-purple-ralph-lauren-wholesalebarabami n’iy’agahama… (Ivyahishuwe 17: 4).

Inyambarabami zivugwa zari impuzu abami ba kera b’Abaroma bambara zigomba gusa n’iroza canke n’umutugutu, nico bita ,mu gifransa  »pourpre ». Barashobora no kwambara umushanana w’agahama. Raba kuri iyo shusho iri ngaho hejuru, uwo mukobwa yambaye ikanzo y’ibara rya pourpre, nico bita muri Bibiliya, inyambarabami. Abami rero b’Abaroma bambara amakanzo yera, n’imishanana isa gurtyo, canke umukenyezo. P_0_9000_14958_1288965254Mu birori bikomeye bashobora kwambara amakanzo maremare abasaga asa gurtyo. Raba uwo musore uko yambaye, yigana abami b’Abaroma.

Mu mugani w’umutunzi n’umukene Lazaro, Yesu yaravuze  umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama yidibamiye mu vyiza imisi yose (Luka 16: 19. Ni wasoma uwo mugani neza, usanga Yesu yariko aravuga amashengero abiri, kandi uzosanga iryambaye inyambarabami ryibuka ivyo kwihana mu gihe bitagikunda, muri ya saha yanyuma. Soma neza uwo mugani muri Luka 16: 19-31). Biragufasha gutahura vyinshi utari bwigere wibaza kur’uwo mugani. Burya rero ivy’isi n’amabanga! Ni vyaguter’ibibazo, uravyandika tubishakire inyishu. Na kare handitswe ngo: Ni mwagomba kubaza, mubaze, muhindukire muze (Yesaya 21: 12).

Reka rero tubandanye tuvuge ivy’uwo mugore yambaye izo mpuzu z’inyambarabami n’iz’agahama. Murumva ko mugihe ca Yesu no mugihe ca Yohani, abami bari biganje kandi bavugwa n’abami b’i Roma. Umwami w’i Roma yar’atinyitse cane. Ni we gusa yarashoboye rero kwambara umwambaro usa gurtyo, ukamuha n’iteka ry’uko avuganira ubwami bwiwe ku mana. Iyo mana ivugwa yari  »izuba ». Niho rero bamwita ngo ni Maximus Pontifex. N’ukuvuga uwo bose bagomba gucako (mu majambo asanzwe Maximus n’ukuvuga ngo: Rudasumbwa, Pontifex n’ukuvuga ngo: uwukora ikiraro (igitarurwa, iteme, faiseur de pont mu gifransa) bacako mu gushika iyo baja. Mu kirundi c’ukuri twovuga ko yari umukandizi ku mana. Iri jambo Maximus Pontifex, niryo ryavyaye iryo tuzi rikoreshwa mu rurimi rw’igifransa ngo: Souverain Pontife. Ariko umurongo wo wavuze ngo: Uwo mugore yambaye impuzu z’inyambarabami, n’iz’agahama. Iz’agahama rero zo zashobora kwambara ibikomangoma vy’umwami. Robe%20rouge%20a%20plumesKuri iyi foto, uwu mukobwa yambaye ikanzo y’agahama gasa n’impuzu z’ibikomangoma vy’umwami wa kera w’abaroma. Ariko abo bandi bo ntibari ba Maximus Pontifex, bari ba Pontifex gusa. N,ukuvuga ko nabo bashobora kuvugira abantu ku mana, canke bagashigikira umwami mu masengesho.

Tugaruke ku vyahishuwe 17: 4 rero: N’ukuvuga ko Yesu yeretse intumwa Yohani ko kw’isi hategerezwa kuzoboneka ishengero rikora nk’ishengero rya gipagani ry’i Roma, rikambara imyambaro yibutsa ubupagani bw’i Roma, kandi iryo shengero rikazokora, rigatunganirwa, gushitsa ku musi rizocirirwa ko iteka, bigatangaza abari baryizeye, abo ryari ritungishije, n’abo bose bagendera mu gitutu caryo. Muri iyo saha ya nyuma, ivyago bizoca aho batari bavyiteze. Ivyanditswe navyo bivuga biti: Kuko yibwira mu mutima, ngo: Mvyagiye nd’umwamikazi, sinzobona amaborogo na gatoyi, nico gituma ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, urupfu n’amaborogo, n’amapfa, kand’azotongozwa umuriro, kuko umwami Imana amuciriyekw’iteka (Ivyahishuwe 18: 7-8). Kand’abami bo kw’isi, abasambana nawe, bagasangira nawe ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize amaruru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe, bahagaritswe no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe, bati n’ibara, n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni wa gisagara c’inkomezi, kuko mw’isaha imwe, iteka uciriweko rigushitseko (Ivyahishuwe 18: 9-10).

Ni mwaba mwasomye wa mugani w’umutunzi n’umukene Lazaro, hariho ijambo riteye agahinda Yesu yabwiye uwo mukungu yambaye inyambarabami n’izera nziza nziza. Bafise ivya Mose n’abavugishwa n’Imana ni babumvire… Nibatumvira Mose n’abavugishwa n’Imana, ntibazemera nah’umuntu yozuka mu bapfuye (Luka 16: 29, 31). Ibi birerekana ko uko twirengangiza kwiga ubuhanuzi no kubukurikiza, tuba turiko turikururira ishavu ry’Imana.etude%20de%20la%20bible%20guadadvent2 Erega, kuk’ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza ishavu ry’Imana, rizoba ku musi w’ishavu, aho amateka abereye y’Imana azohishurwa, izokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze (Abaroma 2: 5-6. Intumwa Paulo arabivuze neza. S’amazu azoturirwa gusa, n’abantu bose bayasengeramwo bikabibagiza guserangura ubuhanuzi no kubukurikiza. Urabona ko Paulo avuze ngo:  »izokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze ». Abavugabutumwa bazoba bararangije akazi kabo, Babuloni izoba yararonse igihe gikwiriye co kwihana. campagne2_largeNiho rero, muri iyo saha ya nyuma, abakozi b’Imana bazovuga bati: Twagerageje kuvura Babuloni, ariko ntihakize; reka tuhahebe, umuntu wese ni yisubirire mu gihugu cabo, kuko iteka haciriweko rishitse no mw’ijuru, rigiye hejuru gushitsa no mu bicu (Yeremiya 51: 9).

Wumva ushaka kuvugwa ingwara ikigendeka, ugakira ivyago vy’i Babuloni? Ntutinye, canke ngo uhigime gusohoka muri Babuloni, kuko amarembo aracuguruye, kandi umwami Yesu nawe yiteguye kukwakira. Aravuga ati: Uwoza kuri jewe sinzomuhinda na gatoyi (Yohani 6: 37. Amour-de-JESUS Arasemerera atigarura ati: Bantu banje,ni muve iwe,kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabwa ku vyago vyiwe. Kukw’ivyaha vyiwe vyarundanijwe bigashika kw’ijuru, kand’Imana yibutse ibicumuro vyiwe (Ivyahishuwe 18: 4-5).

Nta we ntunze urutoke, ijambo ry’Imana niryo ryivugiye ivyo!  Abo nkunda bose, ndabakankanira nkabakangira, nuko gir’umwete wihane (Ivyahishuwe 3: 19).

NTIWIBAGIRE GUSOMA IJAMBO RY’IMANA IMISI YOSE. RABA HARIYA HEPFO

Publié dans:Non classé |on 25 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

ISAH’IMWE YO MU VYAHISHUWE 17: 12

 ABAMI CUMI BAGANZA MW’ISAH’IMWE

Kand’amahembe cumi wabonye ni yo ba bami cumi batarima, ariko bahabga kaganziriza hamwe na ca gikoko kumara isah’imwe (Ivyahishuwe 17: 12).

Igikoko c’mahembe cumi kiravugwa no mu Vyahishuwe 13: 1.ISAH'IMWE YO MU VYAHISHUWE 17: 12 apo078_JPG Usomye witonze uwu murongo urabona neza ko igitekerezo c’abami cumi cari kiriho imbere y’uko Yohani yerekwa ivyo. Kuko uwu murongo ntuvuze ngo  » n’abami cumi », ariko uvuze ngo  » niyo ba bami cumi », nk’aho bari basanzwe bazwi. Egome, abo bami cumi bari baravuzwe kera cane imbere y’uko Yohani abaho. Kuko umuhanuzi Daniyeli, mu gihe yariko ararotorera umwami Nebukadineza inzozi (indoto) ziwe, yavuze ngo: Nk’uko wabonye ibirenge n’amano ar’ikivange c’ibumba n’ivyuma, niko ubwo bwami buzoba ubwami butandukanye… Kandi nkuko amano ysr’ikivange c’ivyuma n’ibumba, niko ubwo bwami buzomera, igice kimwe kizokomera ikindi kibe urujo (Daniyeli 2: 41-42). daniel-statueAbashobora gusoma mu gifransa ni murabe icigisho kivuga neza izo nzozi z’umwami Nebukadineza kuri http://mpcv.unbog.fr/etude-du-livre-du-prophete-daniel-2-29-45. Muri make ico gishusho casa n’umuntu, ariko kikaba gikozwe mu butare budasa, umutwe war’izahabu, igikiriza (igituza) n’amaboko bikaba ifeza, inda n’ibibero vyari umuringa (umujumpu/cuivre canke bronze), amaguru yar’ivyuma, ariko ibirenge n’amano bikaba bivanzemwo ibumba n’ivyuma. Ngirango mwese murazi ko ikirenge kigira amano atanu, umuntu muzima akagira ibirenge bibiri, vyose hamwe bikagira amano cumi, kandi atandukanye.

Icigisho cacu rero cavuze neza ko ba bami bazoba ar’icumi. Dukwiye kwibuka ko Ubulayi ar’ihanga rishimikiye ku moko cumi, (1. les Francs: français, 2. Les Allemanni: allemands, 3. 4. Les Lombards: italiens, 5. les Suèves: portuguais, 6. les Anglo-saxons: abongereza; 6.les Burgundians: Abaswisses, les Visigoths: Abaesagnols, 8. Les Herules: Aba barabahoneje, 9. les Vandals: nabo barabahoneje 10. les Ostrogoths: nabo barabahoneje  kandi ko hariho abategetsi benshi bashatse guteraniriza Ubulayi hamwe ngo bukomere butegeke isi yose, ariko ntivyakunze. Muri harimwo uwo bita Hithler yashoje intambara ya kabiri y’isi yose. Ibiriko biraba muri iki gihe birerekana ko ibihugu vyo mu Bulayi n’amahanga yose yakomotse mu Bulayi bishaka gukoraniriza isi yose mu bumwe vyanse bikunze. Europe1939GFAhanini bakoresha umugambi wo kuzamura ubutunzi, kugira ifaranga rimwe, gukwirakwiza imico y’ibihugu vyabo mu moko yose y’isi, n’amadini menshi yashingiwe mu bihugu vyabo.

Ijambo ry’Imana ryemeza ko ivyo bizorangizwa n’umwami azigira agakomeye, kandi w’umunyedini. Iman’isumba vyose azoyivugako amajambo y’agatituro, kand’azocobogoza abera b’Isumba vyose. medium_Code_noir_loi_du_dimanche001.2Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’amategeko, kandi bizorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ibihe n’igihe n’igice c’igihe bizoshiririra. Ariko imanza zizoshingwa bamwake ingoma yiwe, bayikombore, bayihenebereze, gushitsa ku muhero. Kand’ubwami n’inganji n’ubukuru bw’ubwami bwose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubwoko bw’abera b’Isumba vyose; ubwami bwayo n’ubwami buzokwamaho, kand’abami bose bazoyikorera bayumvire. Ayo majambo agarukiye aho (Daniyeli 2: 25-28). Uwo mwami zokora ivyo tumaze kuvuga, biraboneka neza ko azobokora mu gihe c’iherezo ageze no kuri ya saha ya nyuma. Ushaka kuvyumva neza, gereranya aya majambo, uheze ugire ico wibaza: Kand’ubwami n’inganji n’ubukuru bw’ubwami biri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubwoko bw’abera (Daniyeli 7: 27 n’aya majambo ngo: Kand’amahembe cumi wabonye ni yo ba bami cumi batarima, ariko bahabwa kuganziriza hamwe na ca gikoko nk’abami nyene kumara isaha imwe (Ivysahishuwe 17: 12). Mur’uwu murongo, biraboneka ko iki gikoko naco ubwaco ar’umwami kuko naco ngo kiraganza, kigaganziriza hamwe na ba bami cumi. Abo bahuza inama baha ca gikoko ububasha bwabo n’ubutware bwabo. Biraboneka neza ko abami b’isi bose bazonanirwa bekegurira ububasha bwose igikoko (inyamaswa, muri ya saha ya nyuma. Ico gikoko naco birumvikana ko ar’ububasha buzoba bukorera mw’idini rihambaye riri ku mugabane w’Ubulayi, iyo ba bami cumi bakomoka. Gushika uwu musi, idini rikomeye cane rifise ijambo mu bihugu nka vyose, rikaba rikomoka mu Bulayi, n’iry’Abagatorika b’i Roma. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ntibubona ko bizoteba bigahinduka hakaboneka uwundi mukuru w’idini arabwa nk’umwami kw’isi yose, kuko ivyavuzwe muri Daniyeli 7: 25-28 hariya hejiru, vyavuze neza ivyo umukuru w’ishengero ry’i Roma yakoze muri kahise, biratwereka n’ibizomubako mu misi y’iherezo. Abo bami rero bavugwa, s’abakuru b’ibihugu, ah’ubwo n’Ubulayi n’ababukomokamwo, ya moko cumi, n’isi yose izoba yabagiye inyuma. Abo bazogwanya Umwagazi w’Intama, nawe azobanesha, kuko ariwe aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’abari kumwe nawe bahamagawe bazobanesha (Ivyahishuwe 17: 14).affichesetslogans-vip-blog-com-314647FOULEchrGIF Iri jambo ngo  »bazobanesha », ryerekana iherezo ry’urugamba, ariryo herezo rya ya saha imwe. Kuko iyo umusirikare agwanye urugamba akarurangiza aronka ipeta, umunyeshule yamaze amashule, yatsinze ibibazo aronka urupapuro rw’umutsindo. Niho n’imana rero yavuze iti: Kand’ubwami n’inganji n’ubukuru bw’ubwami buri musi y’ijuru hose, bizogabirwa ubwoko bw’abera b’Isumba vyose; ubwami bwayo ntibuzogira iherezo (Daniyeli 7: 27). Raba neza: mur’uwu murongo, ubwo bwami, abera b’Isumba vyose babusangiye n’Imana. Nivyo bivuzwe ngo: Ubwami bwayo ntibuzogira iherezo. Tubisubiremwo, ubwo bwami bazoba babufatanije n’Imana, kuko Yohani yanditse mu gitabo c’Ivyashishuwe ati: Bazoba abaherezi b’Imana na Kristu, kandi bazofatanya nawe kuganza imyaka, iyo myaka 1000 (Ivyahishuwe 20: 6).spq9vlqa

Komeza gusenga wihangane, urafise amasezerano meza y’uko azoba mur’abo bazonesha, bakaba abaherezi, bagafataniriza kamwe na Kristu kuganza mu myaka 1000. Yewe Samuragwa we w’ubwami bw’Imana, nezerwa wishime kuko iyi nkuru nziza n’iy’amahirwe n’ivyizigiro, kuko uwagize aya masezerano aravuga ati: Uwuzoza kuri jewe sinzomwirukana na gatoya (Yohani 6: 37). Wumva ibi bintu bitaryoshe none? Va hasi, ingo, ikibanza cawe kiriho mu bwami bw’Imana. Urakaza neza!|

Publié dans:Non classé |on 24 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

IJAMBO RY’IMANA RYO MURI IKI GITONDO

Kuva muri iki gitondo gushika ku mugoroba, ijambo ry’Imana rira kubwira riti:  

IJAMBO RY'IMANA RYO MURI IKI GITONDO qcbgej86

 

 Hahirw’umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko niyamara kurama, azohabwa urugori rw’ubugingo Imana yemereye abayikunda (Yakobo 1: 12).  

Usenge Imana, wige ijambo ryayo, wihanganire ingorane zose. 

Gir’umwete wo kugaruka gusoma ijambo ry’Imana imisi yose.

Iman’iguhe umugisha.                                                                                                                

Publié dans:Non classé |on 21 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

UBURUNDI BURASHOBORA GUHINDUKA ISRAELI NSHASHA Y’IMANA

NI MUKWIZE IYI NKURU MU GIHUGU COSE!

Miburo Balthasar, UBURUNDI BURASHOBORA GUHINDUKA ISRAELI NSHASHA Y'IMANA 0151474

umusavyi w’Imana nzima, ku ntore z’Imana ziri mu gihugu c’Uburundi, no ku bantu b’Imana batoranijwe mwese musoma aya majambo, abari kure n’abari hafi, ndabaramukije mw’izina ry’Umwami n’Umucunguzi wacu Yesu-Kristu.

 Nezerejwe na kano kanya ndonse ko kubaganiriza mur’uru rwandiko ngo tuvugane tudahishanya ico mwoba mwibaza ku kugaruka kwa Kristu. Kuko ibimenyetso vyinshi vyabonetse cane mu bihugu vyacu, lakes-fmu buryo bwose bushoboka bwari bwaravuzwe n’abahanuzi, ariko biteye ubwoba n’agahinda iyo uravye ukuntu bamwe batwarwa n’umwitwarariko w’ivy’iyi si, ntibibaze ko ejo ibintu bizohinduka.

Barundi bene wacu, namwe mwese bavandimwe mwumva uru rurimi, mwirinde kugirango imitima yanyu ntiremerwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwarariko w’ivy’ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego; kuko ariko uzoshika ku bantu bose bashagaje mw’isi yose. Mwame mugabye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu (Luka 21: 34-36).

Mwirinde guterera agati mu ryinyo ngo abavuga ivyo kugaruka kwa Yesu bose n’abahanuzi b’ibinyoma. Naho nyene boba ar’abahanuzi b’ibinyoma, naco nyene coba ar’ikimenyetso kigaragara gikwiye gutuma tuvumbuka tugaterama, tugasenga, kuko Kristu yaravuze ko n’abahanuzi b’ibinyoma bazigira umwanya wabo mu kwerekana ko ihindukira rya Yesu ryegereje; aratugabisha ati: Kuko hazokwaduka abigira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugirango bazimize n’abatoranijwe ni vyashoboka. Raba ndabibabwiye bitaraba (Matayo 24: 24-25).  Yesu-Kristu we yashatse kutuburira amazi atareng’inkombe, kuko yashaka ko tumera magabo kuko arazi ko ibihe nk’ibi atar’ibihe bisanzwe. jesus%20precheAbari mu bihugu vy’abazungu canke mu bihugu vy’abapagani ba kure, nabo ngo babona imyidagaduro idasanzwe, ku buryo ivyo kwitegurira kuza kwa Kristu ataco bikivuze, ndetse no mu mashengero basigaye bashaka ibibahuza n’ab’isi. Naco nyene n’ikimenyetso cari gikwiye gutuma mukangukira rimwe mugasenga kuko iryavuzwe ritegerezwa gutaha ngo: Aho bazoba bavuga ngo har’amahoro nta nkomanzi, niho uguhona kuzobazako giturumbuka, nkuko ibise biza ku mugore akuriwe,kandi ntibazokwikiza na gatoya. (2Abatesalonike 5: 3). yangko_danced7ec35cf1e2786ac9945

Ibi ndabibandikiye kugirango ntimuze mwishinge kwinezererwa, kuko ibimenyetso twahawe birakwiye, kandi ntibirarangira, mugabo har’igihe tutazoba tugishobora kwisubirako ngo twihane, kuko n’igihe c’imbabazi z’Imana kigiye gushira. Erega burya n’imbabazi z’Imana ntizih0raho igihe cose ku bantu bose. Ubutumwa nahawe kuvuga nabwo buravuga ngo: ndagirira ikigongwe abankunda, bakitondera amategeko yanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana, gushitsa igihumbi (Kuvayo 20: 6). Iri jambo ngo gushitsa igihumbi, Mariya nyina wa Yesu yarikoresheje neza, atwereka ko ar’ukuvuga ko Umwami Imana azokwama agirira imbabazi abamwubaha gushitsa na ryari. Marie_ElisabethMariya yavuze ati: Imbabazi zayo ziri ku bayubaha, ku buzukuru no ku buzukuruza babo… Nkuko yabwiye basogokuruza, kuzigirira Aburahamu n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira (Luka 1: 50, 55). Enda ni mugaruke twubahe Imana tuyihimbaze kuko igihe cayo co guca imanza kirashitse, musenge Iyaremye ijuru n’isi n’ibiyaga n’amasoko, iyo basogokuruza bacu bita Rugirarugir’ibibondo, Imana y’Uburundi.

Ishavu ry’Imana ntirizogera ku barundi bihana ivyaha, bakitegura mu masengesho no kwiyeza mu buzima bwabo bwa misi yose. Uhoraho agize ati: Humura! Uku niko Uhoraho Nyen’ingabo agize, ati Bazoba abanje ku musi nzoshinga, baba abo niharije ubwanje; kandi nzobagirira ikigongwe nkuko umuntu akigirira umwana wiwe amukorera. Aho niho muzosubira kumenya ko har’itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’uwukorer’Imana n’uwutayikorera (Malaki 3: 17-18)

Aya masezerano n’ay’ukuri. Icompa uwu musi abarundi bose bakibumbira mur’aya masezerano y’Imana, bakareka kurindira ngo amadini barimwo niyo azotang’ikimenyetso cerekana ko Yesu aje. Ntimwibeshe, idini ntiriri mu gitigiri c’abazovuga ubutumwa bwo kugaruka kwa Yesu mu masaha ya nyuma. Ego rirabivuga rimwe na rimwe, muri iyi misi, ariko rizogera aho risinzira. Ntawe nshatse gutunga urutoke, ariko hamwe hamwe mbere itiro rirabarembeje, hageze mu gicugu.beauvais-chorale-protestante Kandi ntawobatwenga kuko ntitwohindura ubuhanuzi. Umwami wacu Yesu-Kristu yavuze neza ati: Ico gihe ubwami bw’ijuru buzosa n’inkumi cumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe. Batanu muri bo bari ibijuju, bandi batanu bari incabwenge. Kuko vya bijuju mu kujana amatara yavyo bitajananye n’amavuta mu macupa yabo hamwe n’amatara yabo.Umukwe agitebaganye bose barahunyiza, barasinzira. Mu gicugu hagati humvikana urwamo ngo: Nguyu umukwe, ni musohoke mumusanganire. Buno za nkumi zose zirazanzamuka zitunganya amatara yazo (Matayo 25: 1-7). Mwumvise ko ibijuju n’incabwenge ko bose batangiriye rimwe guhu yiza barasinzira. Ndaseng’Imana nshimitse ngo mu Burundi bwacu haze havemwo abo twokwita : Abakangurambaga wa mugani w’Abanyarwanda, bakaba aribo bavuza urwamo bagakangura n’ayo madini yivugira ivyo yishakiye, bati Nyabuna nimukanguke Yesu araje!

Erega burya Uburundi bushobora kuvamwo abatwaramuco baboneshereza Afrika yose, ndetse n’isi yose! burundi-petiteIcitonderwa, n’uko mwoshira mu ngiro iyi mpanuro ngo: Maze abantu banje bitirirwa izina ryanje, ni bicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nuko nanje nzokwumva ndi mw’ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo (2Ngoma 7: 14)Une+vue+de+l%27assembl%C3%A9e+en+pri%C3%A8re+pendant+le+culte+sous+le+hangar+en+1990

Kuki none tutotegura  umusi mukuru uhambaye wo gutabaza Uhoraho tukisonzesha, tugasenga, tugashashaka inyonga z’Imana? Kuko Umwami Imana ntaho azota umuntu ruhebwa. Naho yomubabaza ariko azomugirira ikigongwe, nkukw’isinzi ry’imbabazi ziwe ziri. Kukw’atababaza abantu abigomba (Gucur’intimba 3: 31-33).

Nari niyumviriye ko kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2010 twogira umusi wo kwisonzesha, maze abashoboye kutunganya amateraniro yo gusenga bakashira amazina hano kuri site, kuri http://paroissetwihane.unblog.fr/143/, tukaraba ukuntu tuzotunganya umusi wo guhimbariza Imana hamwe bukeye kw’igenekerezo ya 1 Nzero 2011. Tuvyiyumviriye neza, wosanga amateraniro nkayo yoshoboka neza ku basoma ibi vyigisho, bagashobora no kuyatunganya mu gihugu hagati, canke no hanze y’igihugu, vyose vyoterwa na twebwe! Uhoraho azoduha umugisha ni twaba dukora ivyo ashaka.

Mu misi mike, nzokwandika urundi rwandiko ruvuga ukuntu Imana ituburira ibicishije mu kuntu amagara yacu ameze muri iki gihe.

Imana ibahe umugisha ntore z’Imana!

Mukundane mwese kuko Yes’araje!

Reka mbibutse ko mushobora kuyasiga mu gufyonda kuri http://paroissetwihane.unblog.fr/143/

Publié dans:Non classé |on 20 novembre, 2010 |Pas de commentaires »

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire