ISENGESHO RYO MU GITONDO CO KU WA 16 NDAMUKIZA/MATA

Indirimbo:

N’iki conkiz’ivyaha? N’amaraso yawe Yesu

N’iki conyeza rwose? N’amaraso yawe Yesu

Icitabirizo:

Ya maraso yiwe ni y’anyezesha rwose

Nta campa gukira, nk’amaraso y’Umukiza

Zaburi 22: 16-17

Bantobaguye ibiganza n,ibirenge, nshobora guharura amagufa yanje yose ISENGESHO RYO MU GITONDO CO KU WA 16 NDAMUKIZA/MATA

Ubu buhanuzi bwarangukiye i Gologota, igihe Yesu bamutobaguza imisumari mu biganza no mubirenge kubera ibicumuro vyacu.

Dusenge:

Mukiza wacu mwiza, Yesu, ni twebwe wagorewe, uradupfira wongera urazuka. Ni twebwe uhagarariye mu bwami bwa Data, mu ngoro yawe. Duhe kwezwa n’amaraso wavuye,uduhishe mu bihengeri vyaciwe n’imisumari, na rya cumu bagucumita. Twandike mu mutima wawe tugumeyo imyaka yose. Amen.

Publié dans : Non classé |le 17 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire