ISENGESHO RYO MU GITONDO CO KU WA 15 NDAMUKIZA/ MATA

 

Indirimbo

Ntundengane Mukiza we! Wumv’uko nganya,

Ah’ugendera mu bandi nanje ntunsige!

Icitabirizo:

Yesu Mukiza , wumv’uko nganya, ah’ugendera mu bandi, nanje ntunsige.

Zaburi 119: 62

Mu gicugu nama mvyuka, kugirango ngushimire imanza zawe zigororotse

Twige ijambo ry’Imana: 1Abami 18: 36-37

Isengesho ry’umuhanuzi Eliya: ISENGESHO RYO MU GITONDO CO KU WA 15 NDAMUKIZA/ MATA

Ewe Uhoraho Mana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uyu musi bimenyekane kw’ari wewe Mana mu Bisirayeli, nanje ko nd’ umusavyi wawe, kandi ko nkoze ibi vyose kubg’ ijanbo ryawe. Unyumvire se, ewe Uhoraho, unyumvire kugira ngw aba abantu bamenye kw ari wewe Mana, ewe Uhoraho, kandi kw’ ari wewe ugarukana imitima yabo.

Turakeneye ukwizera nk ukwa Eliya kugira ngo duhagararire Imana mu bapagani bo muri iki gihe. Erega Eliya yavuzwe azaza ni wewe na jewe. Mwihangane gato Yesu agiye kuza. Amen

Isengesho

Mwami Yesu, ndagushima ko wantoranije ngo ngukorere, unkomeze kugirango sinze nkorwe n ikimwaro kuri wa musi, kubw,izina ryawe rizira guhemuka.

Publié dans : Non classé |le 17 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire