ISENGESHO RYO MU GITONDO KU WA 14 NDAMUKIZA/MATA

 Indirimbo:

Nze mpimbaz’urukundo/ nirwo rumbgiriza, /kugirir’abandi neza, /bakamenya Yesu

Icitabirizo:

Data we, ko nd’umwana wawe, Datawe ngukurikize,

Nze mpimbaz’urukundo, ni rwo rumbgiriza

Kugirir’abandi neza, bakamenya Yesu.

 Maz’ivyo ni vyahera/ tuzoja mw’ijuru,/ tuzame tuguhimbaza, /Mwami w’urukundo

Zaburi 119: 148

Abateramyi batarakuranwa mu bishingo vyabo mba ndi maso kugirango nige ijambo ryawe

Twige ijambo ry’Imana: Matayo 13: 10-11

Abigishwa baramwegera baramubaza bati: Mbeg’ikigutera kubigishiriza mu migani n’iki? Arabishura ati: Mwebge mwahawe kumenya amabanga y’ubgami bwo mw’ijuru ariko bo ntibabihawe.

ISENGESHO RYO MU GITONDO KU WA 14 NDAMUKIZA/MATA

Abakurikira Yesu bakama i ruhande yiwe, bagira amahirwe yo gutahura ivy’ubgami bw’Imana. Abakurikira idini gusa, baracikwa n’ubumenyi nyakuri, kuko idini rishaka ibiteza imbere bene ryo gisa, ariko kuri Yesu hava amahoro n’ubwumvikane ku badukikije n’ibidukikije, iboneka n’ibitaboneka, ni bgo bgami bw’Imana.  Yesu yigishiriza mu migani abanyedini, ariko abiwe akabahishurira neza.

Uyu musi Yesu-Kristo yipfuza kukwiyegereza, kugirango ntuhere mw’idini, ariko wemere wigishwe na we, umenye ivy’ubwami bw’Imana, atar’ukumenya gusa ivya gatorika, pentekototi, metodiste, canke ibindi…

Aravuga ati: Nkuko Data yantumye mw’isi niko nanje ndagutumye mw’isi, kandi nanje ndiyeza ku bwawe kugirango nawe ube uwejejwe mu kuri (ube umweranda mu kuri) (Yohani 17: 18-19)

Dusenge:

Nkundira Data mwiza, kugira ngo kubana na Yesu kur’uyu musi, bize kunsigira umugisha n’amahoro, bitume ngir’umwete wo kutamuvirira mu buzima bwanje bwose. Mbigusavye mw’izina rya Yesu-Kristu nyene, umucunguzi wanje. Amen

Publié dans : Non classé |le 15 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire