ISENGESHO RYO MURI IKI GITONDO KU WA 13 Ndamukiza/ Mata

Indirimbo:

Har’igihugu ciza cane, twasezeraniwe n’Imana

Tukirorere twizigira, Kuko Data yakitweretse

Icitabirizo:

Aheza mw’ijuru, tuzohurirayo bagenzi, Aheza mw’ijuru, tuzohurirayo bagenzi

Tuzoririmbira mw’ijuru, indirimbo z’abahiriwe

Ntituzongera kubabara, Tuzoba dushiz’amarira.

Zaburi 84: 10

Kuko kumara umusi umwe mu nyubakwa zawe kuruta kumara iyindi igihumbi ahandi. Nopfuma mpagarara ku gisapfu c’ingoro y’Imana yanje, hako noba mu mahema y’abanyakibi

Kwiga Ijambo ry’Imana: Yesaya 25: 9

N’uko kuri uyo musi bizovugwa, ngw’ehe iyi ni yo Mana yacu; ni yo twari turorereye, nayo iradukiza, uyu niwe Uhoraho, ni we twari turorereye, duhimbarwe tunezererwe agakiza kiwe.

ISENGESHO RYO MURI IKI GITONDO  KU WA 13 Ndamukiza/ Mata

Icompa uyo musi jewe nawe tukazoba turi muri iryo koraniro.

Dusenge:

Data mwiza ugir’ubuntu kand’utangaje, turagusaba tukwinginga ngo uze uduhe kukubona tukuririmbira hamwe n’intore zawe kuri wa musi, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : Non classé |le 14 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire