ISENGESHO RYO MURI IKI GITONDO, KU WA 12 NDAMUKIZA (MATA) 2010

 

Indirimbo:

Ndazi ko Yes’ankunda, Vyanditswe mu gitabo

Nd’uwo mu bana biwe, Kand’arambungabunga

Icitabirizo:

Yes’arankunda, Yes’arankunda, Yes’arankunda n’Umukiza wanje

Naho ngayitse rwose, Ntiyaretse kunkunda

Yampfiriye ku giti, ngonze nkurwekw’ivyaha

Zaburi 65: 2

Wewe wumva ivyo usabwa, abafise umubiri bose bazoza kuri wewe

Twige ijambo ry’Imana:

Mariko 10: 35-36

Yakobo na Yohani bene Zebedayo, baramwegera baramubgira, bati Mwigisha, turagomba ko uduha ico tugusaba cose. Arababaza ati: Mugomba ko mbaha iki? (Mariko 10: 35-36).

ISENGESHO RYO MURI IKI GITONDO, KU WA 12 NDAMUKIZA (MATA) 2010 2003-10-JesusJamesJohn

Yesu arasoma ibiri mu mitima y’abantu, niko Bibiliya itwigisha: Ntiyarinda ko hagira uwushingir’intahe ivy’umuntu, kuko ubwiwe yar’azi ibiri mu mutima w’umuntu (Yohana 2: 25). Ariko arashimishwa n’uko jewe na wewe twivugira ico dukenye imbere yiwe, kandi arishura. Muri iki gitondo, ingo tugende kumubaza nk’uko Yakobo na Yohani bamubajije ngo abake ico bipfuza: Tuvuge tuti: Mwigisha urashobora kuduha ivyo dukenye uyu musi. Yakobo na Yohani bari bafise ivyabo bibaraje ishinga, nawe ufise ubukene bwawe bukubabaje. None kuki ubumuhisha? Mubwire agutez’amatwi, Ni Yesu, n’Umucunguzi wawe. Amen

Isengesho:

Data wo mw’ijuru, ni wewe waremy’ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose. Waremy’umuntu mw’ishusho yawe uramukundwakaza, n’umusi yacumura wamwemereye umucunguzi. None uyu mucunguzi niwe anyigisha kugusaba no kumucako (kumunyuraho) mu masengesho yanje yose. Muri ikigitondo nzanye ingorane zanje, urabona aho ndara, aho mba, aho nirirwa, amagara yanje, ibingeramiye, ibinter’ubwoba n’ibinezereza. Ntakintu womfashisha ga Databuja? Ngusavye nk’umwana asaba se, kandi nzi ko Imana yanje idakenye, ico ngusaba cose nzogihabwa ni wabona kinkwiye, mw’izina ryera ry’Umucunguzi wanje Yesu. Amen.

Publié dans : Non classé |le 12 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire