ISENGESHO RYO MURI IKI GITONDO

Zaburi 37: 5

Uhimbarwe n’Uhoraho, nawe azoguha ivyo umutima wawe wipfuza

Itangururiro 50: 19-21

Yosefu arababarira ati Ntaco mutinya! Mbega jewe ndi mu gishingo c’Imana? Ku bwanyu mwagabiye kungirira nabi, ariko Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza, kugirango ishitse ibiriho muri iyi misi, ikize abantu benshi boye gupfa. None rero mureke gutinya: nzobaha ivyo kubatunga, mwe n’abana banyu. Nukw’arabaremesha, ababarira neza.

ISENGESHO RYO MURI IKI GITONDO

Ijambo ry’Imana riratubuza rwose kwih0ra abatugiriye nabi. Yosefu yararemesheje bene wabo bavuye guhamba se wabo Yakobo. Abo bagabo bari bafise ubwoba, bibaza ko Yosefu azohava abahinduka, kuko aribo bari bamugurishije ku Bishimayeli, nabo baja kumucuruza muri Egiputa. Ariko Yosefu yagezeyo, Imana imuha umugisha, niwe yahavuye ababera umuvyeyi. Igihe inzara yatera mu bihugu vyinshi, no mu nzu kwa Yakobo yarahageze. Bagiye guhaha (gusuma) muri Egiputa, basanga hategekwa na murumuna wabo. Bamumenye bigoranye, ariko we yari yabamenye. Mu nyuma yarakoresheje ubwenge bwose Imana yamuhaye, abatuma kuzana umuryango wabo wose, Yakobo araterura urugo rwiwe rwose aja kuba muri Egiputa. Noneho abo bagabo bo bibaza ngo Yosefu abagirira neza kubwo kwubaha se kuko yar’akiri muzima. Ariko muri aya majambo yanditswe hano hejuru, dusanga Yosefu yar’afise umutima wo guharira ata gahigihigi. Urukundo rwanyu rwoye kuba uruheyiheyi. Ariko umwansi wawe ni yasonza, umugaburire; ni yagira inyota umuhe ico anywa… Ikibi coye kukunesha, yamara ikibi ukinesheshe iciza (Abaroma 12: 9, 20-21)

Dusenge:

Ndagutazira kandi ndagushimira Mana yanje kubera uko meze n’ivyo mfise muri iki gihe. Ndakwinginze ngo umpe kugukorera no gukoresha ivyo wampaye vyose n’umutima utagira akajirya, kugirango muri vyose na hose nkomeze kunezerwa no guhora imbere yawe. Undinde kugera ingere ku yindi, umpe wa mutima wari muri Kristo Yesu. Ibi ndabigusavye mw’izina rya Yesu-Kristu, umwami wacu. Amen

Publié dans : Non classé |le 7 avril, 2010 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire