UBURUNDI BURASHOBORA GUHINDUKA ISRAELI NSHASHA Y’IMANA

NI MUKWIZE IYI NKURU MU GIHUGU COSE!

Miburo Balthasar, UBURUNDI BURASHOBORA GUHINDUKA ISRAELI NSHASHA Y'IMANA 0151474

umusavyi w’Imana nzima, ku ntore z’Imana ziri mu gihugu c’Uburundi, no ku bantu b’Imana batoranijwe mwese musoma aya majambo, abari kure n’abari hafi, ndabaramukije mw’izina ry’Umwami n’Umucunguzi wacu Yesu-Kristu.

 Nezerejwe na kano kanya ndonse ko kubaganiriza mur’uru rwandiko ngo tuvugane tudahishanya ico mwoba mwibaza ku kugaruka kwa Kristu. Kuko ibimenyetso vyinshi vyabonetse cane mu bihugu vyacu, lakes-fmu buryo bwose bushoboka bwari bwaravuzwe n’abahanuzi, ariko biteye ubwoba n’agahinda iyo uravye ukuntu bamwe batwarwa n’umwitwarariko w’ivy’iyi si, ntibibaze ko ejo ibintu bizohinduka.

Barundi bene wacu, namwe mwese bavandimwe mwumva uru rurimi, mwirinde kugirango imitima yanyu ntiremerwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwarariko w’ivy’ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego; kuko ariko uzoshika ku bantu bose bashagaje mw’isi yose. Mwame mugabye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu (Luka 21: 34-36).

Mwirinde guterera agati mu ryinyo ngo abavuga ivyo kugaruka kwa Yesu bose n’abahanuzi b’ibinyoma. Naho nyene boba ar’abahanuzi b’ibinyoma, naco nyene coba ar’ikimenyetso kigaragara gikwiye gutuma tuvumbuka tugaterama, tugasenga, kuko Kristu yaravuze ko n’abahanuzi b’ibinyoma bazogira umwanya wabo mu kwerekana ko ihindukira rya Yesu ryegereje; aratugabisha ati: Kuko hazokwaduka abigira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugirango bazimize n’abatoranijwe ni vyashoboka. Raba ndabibabwiye bitaraba (Matayo 24: 24-25).  Yesu-Kristu we yashatse kutuburira amazi atareng’inkombe, kuko yashaka ko tumera magabo kuko arazi ko ibihe nk’ibi atar’ibihe bisanzwe. Abari mu bihugu vy’abazungu canke mu bihugu vy’abapagani ba kure, nabo ngo babona imyidagaduro idasanzwe, ku buryo ivyo kwitegurira kuza kwa Kristu ataco bikivuze, ndetse no mu mashengero basigaye bashaka ibibahuza n’ab’isi. Naco nyene n’ikimenyetso cari gikwiye gutuma mukangukira rimwe mugasenga kuko iryavuzwe ritegerezwa gutaha ngo: Aho bazoba bavuga ngo har’amahoro nta nkomanzi, niho uguhona kuzobazako giturumbuka, nkuko ibise biza ku mugore akuriwe,kandi ntibazokwikiza na gatoya. (2Abatesalonike 5: 3).

Ibi ndabibandikiye kugirango ntimuze mwishinge kwinezererwa, kuko ibimenyetso twahawe birakwiye, kandi ntibirarangira, mugabo har’igihe tutazoba tugishobora kwisubirako ngo twihane, kuko n’igihe c’imbabazi z’Imana kigiye gushira. Erega burya n’imbabazi z’Imana ntizih0raho igihe cose ku bantu bose. Ubutumwa nahawe kuvuga nabwo buravuga ngo: ndagirira ikigongwe abankunda, bakitondera amategeko yanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana, gushitsa igihumbi (Kuvayo 20: 6). Iri jambo ngo gushitsa igihumbi, Mariya nyina wa Yesu yarikoresheje neza, atwereka ko ar’ukuvuga ko Umwami Imana azokwama agirira imbabazi abamwubaha gushitsa na ryari. Marie_ElisabethMariya yavuze ati: Imbabazi zayo ziri ku bayubaha, ku buzukuru no ku buzukuruza babo… Nkuko yabwiye basogokuruza, kuzigirira Aburahamu n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira (Luka 1: 50, 55). Enda ni mugaruke twubahe Imana tuyihimbaze kuko igihe cayo co guca imanza kirashitse, musenge Iyaremye ijuru n’isi n’ibiyaga n’amasoko, iyo basogokuruza bacu bita Rugirarugir’ibibondo, Imana y’Uburundi.

Ishavu ry’Imana ntirizogera ku barundi bihana ivyaha, bakitegura mu masengesho no kwiyeza mu buzima bwabo bwa misi yose. Uhoraho agize ati: Humura! Uku niko Uhoraho Nyen’ingabo agize, ati Bazoba abanje ku musi nzoshinga, baba abo niharije ubwanje; kandi nzobagirira ikigongwe nkuko umuntu akigirira umwana wiwe amukorera. Aho niho muzosubira kumenya ko har’itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’uwukorer’Imana n’uwutayikorera (Malaki 3: 17-18)

Aya masezerano n’ay’ukuri. Icompa uwu musi abarundi bose bakibumbira mur’aya masezerano y’Imana, bakareka kurindira ngo amadini barimwo niyo azotang’ikimenyetso cerekana ko Yesu aje. Ntimwibeshe, idini ntiriri mu gitigiri c’abazovuga ubutumwa bwo kugaruka kwa Yesu mu masaha ya nyuma. Ego rirabivuga rimwe na rimwe, muri iyi misi, ariko rizogera aho risinzira. Ntawe nshatse gutunga urutoke, ariko hamwe hamwe mbere itiro rirabarembeje, hageze mu gicugu.beauvais-chorale-protestante Kandi ntawobatwenga kuko ntitwohindura ubuhanuzi. Umwami wacu Yesu-Kristu yavuze neza ati: Ico gihe ubwami bw’ijuru buzosa n’inkumi cumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe. Batanu muri bo bari ibijuju, bandi batanu bari incabwenge. Kuko vya bijuju mu kujana amatara yavyo bitajananye n’amavuta mu macupa yabo hamwe n’amatara yabo.Umukwe agitebaganye bose barahunyiza, barasinzira. Mu gicugu hagati humvikana urwamo ngo: Nguyu umukwe, ni musohoke mumusanganire. Buno za nkumi zose zirazanzamuka zitunganya amatara yazo (Matayo 25: 1-7). Mwumvise ko ibijuju n’incabwenge ko bose batangiriye rimwe guhu yiza barasinzira. Ndaseng’Imana nshimitse ngo mu Burundi bwacu haze havemwo abo twokwita : Abakangurambaga wa mugani w’Abanyarwanda, bakaba aribo bavuza urwamo bagakangura n’ayo madini yivugira ivyo yishakiye, bati Nyabuna nimukanguke Yesu araje!

Erega burya Uburundi bushobora kuvamwo abatwaramuco baboneshereza Afrika yose, ndetse n’isi yose! burundi-petiteIcitonderwa, n’uko mwoshira mu ngiro iyi mpanuro ngo: Maze abantu banje bitirirwa izina ryanje, ni bicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nuko nanje nzokwumva ndi mw’ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo (2Ngoma 7: 14)Une+vue+de+l%27assembl%C3%A9e+en+pri%C3%A8re+pendant+le+culte+sous+le+hangar+en+1990

Kuki none tutotegura  umusi mukuru uhambaye wo gutabaza Uhoraho tukisonzesha, tugasenga, tugashashaka inyonga z’Imana? Kuko Umwami Imana ntaho azota umuntu ruhebwa. Naho yomubabaza ariko azomugirira ikigongwe, nkukw’isinzi ry’imbabazi ziwe ziri. Kukw’atababaza abantu abigomba (Gucur’intimba 3: 31-33).

Mu misi mike, nzokwandika urundi rwandiko ruvuga ukuntu Imana ituburira ibicishije mu kuntu amagara yacu ameze muri iki gihe.

Imana ibahe umugisha ntore z’Imana!

Mukundane mwese kuko Yes’araje!

NI MUSIGE IZINA RYANYU CANKE ICO MWIBAZA COSE KURI URU RWANDIKO HARIYA HEPHO HABIGENEWE

Publié dans : ||le 20 novembre, 2010 |1 Commentaire »

1 Commentaire Commenter.

  1. le 29 mars, 2012 à 9:25 Niyongere j.claude écrit:

    Bakundwa b’Imana nzima;turashima uburyo mutwandikira amajambo yo guhumuriza imitima yabikigihe dusa n’abari mwitiro;Imana nyene ubushobozi ikomeze kubongera ubwenge n’inkomezi.

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire