TWIGE IVYAHISHUWE 16: 3-11

TWIGE IVYAHISHUWE 16 :3-11 

Uwa kabiri asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, gicika amaraso nk’ay’uwupfuye, ikintu cose kiri n’ubungingo kirapfa. Uwa gatatu asuka urwavya rwiwe mu nzuzi no mu masoko bicika amaraso. Numva umumarayika w’amazi avuga ati : Uragororotse, uriho kandi wamyeho, uwera, kandu uciye iryo teka. Bavishije amaraso y’abera n’ay’abavugishwa nawe, kand.amaraso nyene niyo ubahaye ngo banywe, birababereye. Numva igicaniro kivuga kiti Egome, Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay,ukuri no kugororoka. Uwa kane asuka urwavya rwiwe mu zuba.Rihabwa kubaburisha abantu umuriro. Abantu bababurwa n,indugumba nyinshi, barogotwa kw’izina ry’Imana igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze. Uwa gatanu asuka urwavya rwiwe ku ntebe y’ubwami bwa ca gikoko, ubwami bwco bucur’umwiza, uburubwe butuma bahekenya indimi zabo, kand’uburibwe bwabo n’ibiseba vyabo, bituma barogotwa ku Mana nyen’ijuru, kandi ntibihana ngo bareke ibikorwa vyabo bibi (Ivyahishuwe 16 : 3-11) 

Mu cigisho giheruka nababwiye ko ivyago ndwi biheruka bizogenda bitumbereye abantu bafise ikimenyetso ca ca gikoko. Twarabonye ukuntu icago c’ibisebe bibi kizokubita abantu bose bafise ico kimenyetso c’igikoko. Uyu musi tugiye kwiga ku cago kizova mu rwavya rw’umumarayika wa kabiri. Yohani yamweretswe asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, gicika amaraso nk’ ay’uwupfuye, ikintu cose kiri n’ubugingo kirapfa. Ibi biragaragaza ukuntu ubudandaji n’uburyo abantu bashikirana baciye mu mato, canke gutungwa n’uburovyi, canke ubuzima bwose buva mu nzuzi no mu mabahari, bizoba bihagaze. 
 Kuko nta wushobora gusoza ubwato mu maraso, hazoba  hari n’umunuko mwinshi kubera imivyimba y’ibikoko bizopfiramwo. Yavuze ngo : ikintu cose kiri n’ubugingo kirapfa (Ivyahishuwe 16 : 3) Ariko TWIGE IVYAHISHUWE 16: 3-11 1-portugal-gay-marriage_195wibuke ko izo ngorane zizohagarika umutima ba bandi Bibiliya iherutse kutwereka, bahisemwo ya mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa (Abanyefeso 2 : 2).                                              Raba kuri iyo foto, aho Umugabo yemera kubakana n’umugabo nkawe, umugore akabenguka umugore nkawe ngo bubakane, bakabana, bakaryamana mu buryo buteye isoni. N’ikimenyetso cerekanako iyo mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa yamaze kwigarurira isinzi ry’abana b’abantu. 

Uwa gatatu we ngo asutse urwavya rwiwe mu masoko, ngo yose azohinduka amaraso. Ni mwaba mwasomye neza muri rirya somo ritangura, harerekana neza ko kizoba ar’igihano canke umuvumo uzoba ubakurikirana kubera ukuntu bazoba barishe abakozi b’Imana babaziza ukuri. Iyumvire nk’ubu utumye umwana kuvoma akaza avuga ko yasanze amazi yose ahindutse amaraso. Waba utavyemeye, ukishikirayo ugasanga n’ibitenga vy’amaraso gusa. Wagenda kuri  ‘’robinet’’, ukabona hacukumbutse amaraso gusa. 

Nkumbure hoba hariho ababona ko umenga ndiko ndabacira ya migani ya Inarunyonga. S’imigani ndiko ndaca, s’uburyo bwo kuryosha igiteramo, ah’ubwo n’ibintu bigiye kubaho vuba. Yohani igihe yavyerekwa, yabihawe n’Imana kugirango yereke abasavyi bayo ibigiye kubaho vuba (Ivyahishuwe 1:1). Mose igihe yabwira Farawo umwami wa Egiputa ko amazi yose agiye guhinduka amaraso, Farawo yabifata nk’ibijajuro. N’uko Mose na Aroni bagira nkuko Uhoraho yababariye; amanika iyo nkoni akubitira amazi yo mu ruzi imbere ya Farawo n’imbere y’abantu biwe, amazi yose yo mu ruzi ahinduka amaraso. Amafi yo mu ruzi arapfa; uruzi ruranuka, Abanyegiputa ntibashobora kunywa amazi yo mu ruzi, amaraso aba mu gihugu cose ca Egiputa (Kuvayo 7: 20-21). Ababa muri iyi si muri ibi bihe, bararusha ubugome Farawo, nta naho bahuriye. Ntibitangaje ko ivyabaye muri Egiputa bizoshika ku rwaruka rw’ikigihe. Ariko ivyo vyababayeko kugirango bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanura, twebwe dushitsweko n’ibihe vy’iherezo (1Abakorinto 10: 11).

Mu cigisho giheruka, twarabonye ukuntu mu cago kizova mu rwavya rw’umumarayika wa mbere hazovamwo ibisebe bikomeye bibi, bigafata abantu bafise ikimenyetso ca ca gikoko bagasenga n’igishushanyo caco (Ivyahishuwe 16: 2). Kuribwa n’ibisebe ntivyoroshe, ariko kwicwa n’inyota navyo bizoba vyongereje ivyago mu bindi. Ariko ntibizogarukira ngaho. Umumarayika wa kane, nawe ntaboroheye. Uwa kane  asuka urwavya rwiwe mu zuba,rihabwa kubaburisha abantu umuriro. Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi, bituma barogotwa kw’izina ry’Imana, igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze (Ivyahishuwe 16: 8-9). Noneho hageretseko ubu bushuhe bw’umurengera buva mu zuba. Nta mahoro y’abanyavyaha, niko Imana yanje igize (Yesaya 57: 21). Ibi vyose bizoshika vuba, bishobora no kuza wewe na jewe tukiri bazima.

Ariko ngufitiye inkuru nziza rero mwana wa Data. Ibi vyago ntibikuraba, kuko wahisemwo gukingurira Kristu umutima wawe. N’uko rero noneho abari muri Kristu Yesu, nta rubanza ruzobatsinda (Abaroma 8: 1). Muranyumviriza neza, ntimuze mumvugire ivyo ntavuze, sindiko ndavuga ngo abari mw’ishengero, navuze abari muri Kristu Yesu, nkuko intumwa Paulo yabivuze.

Kuko muri iyi misi turimwo, Mpwemu w’Uhoraho ariko arakora igikorwa ciwe c’agatangaza, ngo ashire itandukaniro hagati y’abayoboke b’amashengero n’abayoke ba Kristu. Niho mubona kenshi mu mashengero abantu batagihuza imvugo, hari abashaka kuj’imbere, bafise umuriro wa Mpwemu, bagakorer’Imana babikunze, bagasaba Imana bayinginga ngo yame ibayobora muri vyose na hose kubw’ Ijambo ryayo. Hari n’abandi bigize ba katamanikirwa, bishimikije imirimo itegetswe n’amategeko, ngo twebwe ntitunywa inzoga, ntitunywa itabi, ntitwambara za mini-jupes, abana bacu barabatijwe, ibigiracumi vyacu turabitanga, nta maherena dufise ku matwi, ngo abagore bacu n’abo twasezeranye ku ruhimbi rutagatifu, n’ibindi n’ibindi… Ni vyiza navyo ariko har’ikibuzemwo!!! Abantu ben’abo bumva ko ar’abera kubera ukuntu bakorer’Imana nk’uko idini ryigishije, sibo ndiko ndavuga. Ariko nabo ndashaka kubabwira, kugirango bikebure (bikubite agashi). Ubu butumwa twahawe bwerekeye abantu bumva ko ar’abanyavyaha, abantu bumva ko ata kintu bimariye, mu gihe Yesu atobarasanako. Abo bantu barizwa n’ivyaha vyababayeko ubwome. Abo nibo Imana yacu inezererwa. Rema ntaco mutinya: raba Imana yanyu izozanana n’uguhora, ni ko kwitura kw’Imana; izoza ibakize. Niho impumyi zizohumuka, n’ibipfamatwi bizoziburwa. Ico gihe, uwucumbagira azosimba nk’impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe: kuko amazi azodudubiriza ahagadutse, imigezi itembere mu bugaragwa. Impahazwa n’abakene baronder’amazi bakayabura, ururimi rwabo rukagwa umwumwa, jewe Uhoraho nzobishura, jewe Imana ya Israeli sinzobaheba. Nzoziburura inzuzi mu mpinga z’imisozi y’uruharabuga, n’amasoko hagati mu myonga, ubugaragwa nzobuhindura ikidengeri c’amazi, n’igihugu cumye nzogihindura imbizi z’amazi (Yesaya 35: 4-6; 41: 17-18). Twebwe dushobora kubona amazi, abanyavyaha bo bakabona amaraso, ntibashobore kunywa. Kandi ivyo s’ikigoye k’Uhoraho…, bagize bartya babona amazi aturutse mu gihugu ca Edomu, n’uko ico gihugu cuzura amazi. Maze abo Banyamoabu bazindutse kare mu gatondo, izuba riserutse, rirasiye ku mazi, babona ayo mazi ahahanganye nabo, atukura nk’amaraso. Baravuga bati: Ariya n’amaraso (2Abami 3: 18, 20-23).

N’uko rero kundira Uhoraho akuyobore, agutandukanye n’intabarirwa. Fata akanya wibaze neza kuri iri jambo ry’Umwami wacu Yesu ngo:  Umuntu wese amvumereza ngo Mwami , Mwami, siwe azinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ivyo Data wo mw’ijuru ashaka (Matayo 7: 21). Iri jambo ntiribwiwe abapagani bo hanze, ribwiwe mwebwe mwagiye mu materaniro yo gusenga ejo, hirya yejo, mu ndwi iheze, na ryari…mwebwe mwitwa abakristu! Yesu-Kristu ntahakana ko tumuvumereza ngo Mwami Mwami, kandi aratwumva iyo tubaragura ubujambojambo bwacu. Ariko araduhakanira ko tudashobora gukandagiza ikirenge mu bwami bwiwe mugihe twanse gukora ivyo Data wo mw’ijuru yipfuza. Reka mbibutse wa murongo twavuga ejo bundi ngo: Uwica amatwi ngo ntiyumve amategeko, n’ugusenga kwiwe nakwo n’igisesema (Imigani 28:9). Kuko abamwubaha nibo azubaha, ariko abamukengera bazokengerwa (1Samweli 2: 30) Agakiza kava muri Kristu rero ntikagenewe intabarirwa, canke abayoboke b’ishengero banse kuyoboka ukuri kuva ku ntebe y’imigisha, mw’ijuru kwa Data.  Kristu abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira (Abaheburayo 5: 9). Ariko abatamwumvira, ababwira ati: Benshi bazombwira bati: Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw’izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw’izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw’izina ryawe? Niho nzobajinjibura nti :: Ntaho nigeze mbamenya; mviraho mwa bakora ibizira mwe (Matayo 7: 22-23). Umwami Yesu yarabona neza ko mu misi y’imperuka hazaduka amadini ashize ivyizigiro vyabo mu kuvugishwa n’Imana, kandi burya ntiba ar’Imana ibavugisha, na rirya zina rya Yesu bavuga ntirikabakange. Kuko naho vyoshika bagakora ibitangaza, ntaho bizobashikana kuko banse gukora ivyo Data wo mw’ijuru ashaka. Muje mwirinda rero kuvuga canke gukoresha Yesu mwumvanye abandi, kandi mutamufise mu bugingo bwanyu, mudashaka no kumwumvira. Kuko bishobora kubamerera nabi. Ariko inyererezi zimwe zo mu Bayuda zasenda impwemu zihumanye, ziti  Turabarahiye Yesu, uwo Paulo avuga. Kandi hariho abahungu indwi b’Umuyuda yitwa Sikewa, umwe mu baherezi bakuru bagenza bartyo. Impwemu ihumanye irabishura iti: Ndazi Yesu, kandi ndazi Paulo, ariko mweho muri ba nde? Umuntu arimwo impwemu ihumanye abagurukirako arabanesha, arababirika, bahunga muri iyo nzu bahenye, bakomeretse (Ivyakozwe n’Intumwa 19: 13-16). Abantu bica amatwi, bagashima guhera mu mashengero yabo bakwubahiriza urutonde rw’ishengero gusumba uko bubahiriza  urutonde rw’Imana, bari mu kaga. Naho wobona dayimoni zihunga kubera amasengesho yabo, canke ingwara zigakira, n’abapfuye bakazuka, uravyitondera neza. Ndatangaye yuko muriko murareka vuba murtyo Iyabahamagaye kubw’ubuntu bwa Kristu,mukemera ubutumwa bunyuranye n’ubwo, kuko ata bundi buriho, ah’ubwo hari abantu babahagarika imitima, bakagomba guhindura ukundi ubutumwa bwa  Kristu. Ariko naho yoba ari twebwe, canke umumarayika avuye mw’ijuru ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubwo twababariye, arakavumwa. Nkuko twavuze ubwa mbere, na none nongeye kubivuga, ni hagira umuntu ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubwo mwemeye arakavumwa (Abagalati 1: 6-9).

Benshi baraja mu nsengero zabo bakavuga ivyo bishakiye, bakizeza abayoboke babo ibitangaza, ngo ivyo kwubaha amategeko vyahambanywe na Yesu i Gologota. None amategeko tuyandure ubusa kubera ukwizera? Eka namba, ah’ubwo turayakomeza (Abaroma 3: 31) Abameze bartyo n’intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bashaka kubamara ko ivyanyu,  bigira intumwa za Kristu. Kandi ivyo ntibitangaza kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco. Nuko s’ikigoye ko n’abakozi biwe bigira nk’abakozi b’intungane, iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo (2Abakorinto 11: 13-15). Nkuko tumaze imisi tuvyiga, kurya guteranya abantu, bakababuza gukora ku musi wa mbere w’indwi, ngo n’umusi w’Imana, abantu bakaruhuka ku musi wazanywe n’abaroma, ivyo navyo biragaragaza neza ukuntu ubuyobe bw’ishengero butazogarukira hagufi. Ni naco kimenyetso kizoranga itandukaniro ry’abakristu bakora ico Data wo mw’ijuru ashaka, n’abandi bakora  ico abapadiri, n’abapasitori bashaka, canke ico imigenzo y’ab’isi ishaka. Ariko ubu butumwa twahawe nabwo buravuga ngo: N’UKO NI MUVE HAGATI YA BA BANDI, MWITANDUKANYE NABO, NIKO UHORAHO AGIZE, KANDI NTIMUGAKORE KU KINTU GIHUMANYA NA KIMWE, NANJE NZOBAKIRA, KANDI NZOBABERA SO, NAMWE MUZOMBERA ABAHUNGU N’ABAKOBWA(2Abakorinto 6: 17-18) BANTU BANJE, NI MUVE IWE, KUGIRANGO MWOYE GUFATANYA IVYAHA VYIWE, MWOYE GUHABWA KU VYAGO VYIWE. KUKO IVYAHA VYIWE VYARUNDANIJWE BIGASHIKA KW’IJURU, KANDI IMANA YIBUTSE IBICUMURO VYIWE (Ivyahishuwe 18: 4-5).

Murasabwe kwitandukanya nabo ivyago bitaratangura gusukwa, kand’ehe raba hirya na hino biriko birabateguza, ntimugire ngo izo nkuru mbi zivugwa ku maradiyo no ku mateleviziyo ngo zizohagarara. Ihi bambewe bizokomeza, mbere bibe bibi gusumba. Kuko ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako. ntibizobesha, naho vyotebagana, ubirorere,kuko bitazobura kuza, ntibizoteba (Habakuki 2: 3).

Umumarayika wa gatanu rero ni yasuka urwavya rwiwe ku ntebe y’ubwami bwa cagikoko, ubwami bwaco buzocura umwiza, ariko mu mazu y’abera hazoba har’umuco, havuga amasengesho n’indirimbo. Erega ngo Mose yatunze ukuboko mw’ijuru, umwiza w’umuzitanya ucura mu guhugu cose ca Egiputa, umara gatatu, ariko mu mazu y’Abisiraeli harabona (Kuvayo 10: 22-23). Mpwemu yarabivuze abitwerekezako, amenyesha ibizoba muri iyo misi yo gucungurwa kwacu ati: Mu mahema y’abagororotsi, hari ijwi ry’impundu n’iry’agakiza: Ukuboko kw’i buryo kw’Uhoraho gukor’ivy’ubutwari (Zaburi 118: 15).

Uyu murongo rero uvuga neza ngo: Uwa gatanu asuka urwavya rwiwe ku ntebe ya cagikoko. Ubwami bwaco bucura umwiza, uburibwe butuma bahekenya indimi zabo, kand’uburibwe bwabo n’ibisebe vyabo, bituma barogotwa ku Mana Nyen’ijuru, kandi ntibihana ngo bareke ibikorwa vyabo (Ivyahishuwe 16: 10-11).  Mbese ku ntebe y’ubwami bwa ca gikoko ni hehe?. Reka Bibiliya ihatubwire: Arambwira ati: Ya mazi wabonye, maraya yicarako, niyo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi (Ivyahishuwe 17: 15). Aha, mwirinde kwitiranya umugore, n’igikoko. Kuko imirongo ukurikira uravuga ngo: Ya mahembe cumi wabonye bizokwanka uwo mumaraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye inyamaziwe, bimutongoze umuriro (Ivyahishuwe 17: 16). Ayo mahembe cumi asobanura amoko agize ibihugu vy’Ubulayi, tuzovyiga neza ni twashika ku gice ca 17. Nzobaha n’icigisho cihariye vuba, co kubasobanurira ayo mahembe cumi.  Kukw’Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye, no guhuza inama, no gushira ca gikoko ku ngoma yabo, kugeza aho amajambo y’Imana azoshirira (Ivyahishuwe 17: 17). Urumvako amahanga yose azogera igihe agashira ca gikoko ku ngoma yayo. Kera umwami iyo yima bamwicarika  ku ngoma, niyo ntebe yiwe. Aha, mu vyo turiko turiga, niyo ntebe ya ca gikoko. Iyo ngoma yagereranya ukuganza kw’umwami, ko abaye Rudahangarwa. Ubwo bwami rero bwose ab’isi bazoba bashatse, n’uwuzoba abutegeka, vyose bizocura umwiza.  Kandi ni waba wasomye neza, vya bisebe vyava mu rwavya rw’umumarayika wa mbere, bizoba bikibarya gushika no muri ivyo vyago biziva mu rwavya rw’umumarayika wa gatanu. Kuko handitswe ngo: kand’uburibwe bwabo n’ibisebe vyabo bituma barogotwa ku Mana Nyen’ijuru (Ivyahishuwe 16: 11).

Igihe c’imbabazi kigiye gushira ku banyavyaha, ariko Uhoraho agira ikigongw’ abamwubaha bakitondera amategeko yiwe kugeza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi (Kuva 20: 6). Nico gituma ndaguhamagariye kwihana uyu musi, ugasaba imbabazi z’ibicumuro vyawe. Handi hato, umumarayika ni yamaragushira ikimenyetso ku ntore z’Imana,  bizokurikirwa n’ iri tegeko ngo: Ni mugende muce mu gisagara mumukurikiye, muririke, ijisho ryanyu ntirigire uwo riziguriza, ntihagire uwo mugirira akagongwe, mwice mutikize umutama n’umusore n’umwigeme n’abana bato n’abagore: ariko ntihagire umuntu n’umwe mwegera mubarikw’ico kimenyetso kandi mutangurire ku rusengero rwanje rwera (Ezekiyeli 9: 5-6).

Turacafise akanya gato ko kwibaza, umumarayika nawe arategereje ko ahabwa itegeko. Kandi mbona umumarayika wundi aduga, ava i burasirazuba, afise ikidomesho c’Imana nzima, asemerera n’ijwi rirenga, abwira ba bamarayika bahawe kwonona isi n’ikiyaga, ati: Ntimugire ico mugira isi canke ikiyaga, tutaradoma ikimenyetso mu ruhanga rw’abasavyi b’Imana yacu (Ivyahishuwe 7: 2-3). Ndakwinginga ngo wakire Yesu mu bugingo bwawe, wemere ukuri, ntiwigire intabarirwa, nkuko vyabaye kuva  kera. Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza muri iyi si. Yari mw’isi kandi isi yaremwe nawe, ariko isi ntiyamumenya, yaje mu vyiwe, ariko abiwe ntibamwakira. Uku niko gutsindwa, kuk’umuco waje mw’isi, ariko abantu bagakunda  umwiza kuruta umuco kuko ibikorwa vyabo vyari bibi. Kuko uwukora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco,kugirango ibikorwa vyiwe ntibihanwe (Yohani 1: 9-11; 3: 19-20).

Ca bugufi woge muri Yorodani nka Namani, woye kuvuga ngo: inzuzi z’i Damasiko, Abana na Farupari, ntiziruta amazi yose yo muri Israeli? Sinoshobora kuziyuhagiramwo ngahumanuka? (2Abami 5: 12). Mu yandi majambo, reka kwishimikiza amajambo atagira ikimazi ngo: amashengero yikunkumuye amategeko y’Imana ni menshi kandi no muriyo harimwo agakiza. Uti mbega sinosengana nabo nkazokirira aho bazokirira? Siko biri muhungu we, siko bizogenda mukobwa we! Naho Namani yari kwoga incuro ijana mu nzuzi Uhoraho adashaka, ntiyari gukira imibembe yiwe. Gusenga cane mu bantu badakora ivyo Data wo mw’ijuru ashaka ntaco vyotugezako. Kuko burya, gupfukamanga cane siko gusaba Imana. Kandi ngo: ugusaba s’ugusutama. Igitsure c’Uhoraho kizodukurikirana mu gihe twica amatwi, nkuko gikurikirana ayo mashengero: Ivyanditswe biravuga biti: Ivyo muja imigabo k’Uhoraho n’ibiki? Azobageseza rwose: ubwo buyobe ntibuzorinda guhaguruka ubugira kabiri. Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobwa, nbazotongorwa rwose nk’ibirararara (ibikenyeri) vyumye. Muri wewe haturutse uwagiye imigabo mibi k’Uhoraho, aja inama y’ibibi. Uku niko Uhoraho agize ati: Naho bogira inkomezi nyinshi, bagatako bakaba benshi,bazogesezwa, n’uwo yabahuruje azokamangana (Nahumu 1: 9-12)

Ehe none n’umusi wo kwemerererwamwo, none n’umusi wo gukirizwa mwo!(2Abakorinto 6: 2). Hitamwo, amayira akigendwa! Gur’ukuri ntugushore (Imigani 23: 23)

Imana iguhe umugisha hamwe n’abayishaka bose, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Publié dans : ||le 2 août, 2010 |2 Commentaires »

2 Commentaires Commenter.

  1. le 11 décembre, 2010 à 13:42 KARORERO CHRISTOPHE écrit:

    IMANA IBAHE UMUGISHA KUKO MUFATA UMWANYA UNGANA UTYA MUGABURIRA ABANTU IVY’IMANA MBA I BUTARE
    A.D.E.P.R CYARWA

  2. le 11 décembre, 2010 à 15:19 labonnenouvelledusalut écrit:

    Mwene Data Karorero Christophe,
    Nagerageje kukwandikira ngo ngushimire kur’uru rwandiko rwawe, ariko ntivyakunze. E. mail yanze rwose. Ariko Uwiteka aguhe umugisha n’abantu bose b’Imana bari i Cyarwa, mw’izina ryera rya Yesu. Amen

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire