TWIGE IVYAHISHUWE 14: 14-20

TWIGE IVYAHISHUWE 14: 14-20

Kandi mbona igicu cera; no kuri ca gicu ukivyagiyeko, asa n’umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu (urugori rwa zahabu) mu mutwe, kandi afise umuhoro ukarishe mu kuboko. Umumarayika wundi ava mu rusengero asemerera n’ijwi rirenga, abwira uwuvyagiye kuri ico gicu ati: N’urungike umuhoro wawe, wimbure, kuko iymbura rishitse, kandi ivyimburwa vyo mw’isi vyumye. Uvyagiye ku gicu arekurira umuhoro wiwe mw’isi, isi irimburwa.

Umumarayika wundi ava muri rwa rusengero rwo mw’ijuru, nawe nyen’afise umuhoro ukarishe. Umumarayika wundi ava ku ku gicaniro, ni we aganza umuriro , asemerera n’ijwi rirenga abarira ufise umuhoro ukarishe ati: Rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w’isi, kukw’inzabibu zawo zirungurije. Umumarayika arekurira umuhoro wiwe mw’isi, aca inzabibu z’umuzabibu w’isi aziterera mu bwato bunini.TWIGE IVYAHISHUWE 14: 14-20 banana-beer Ubwo bwato bwaganishirizwamwo ibirenge inyuma ya ca gisagara, amaraso ava mu bwato ashitsa stadiyo igihumbi n’amajana atandatu, agera ku mijiginya y’amafarasi.

 Uriya yavuzwe avyagiye(yicaye) ku gicu cera asa n’Umwana w’Umuntu, yambaye n’urugori (ikamba ry’) rw’izahabu, akagira n’umuhoro ukarishe mu ntoke, ni Yesu-Kristu. Kugirango ubitahure, ibuka iri jambo ngo: bazobona umwana w’umuntu aje ku bicu vy’ijuru ari n’ububasha n’ubwiza bwinshi. Azotuma abamarayika biwe n’ijwi rirenga ry’inzamba, bakoranye abatoranijwe biwe, bave mu birere bine, guhera iyo ijuru ritangurira kugeza iyo riherera (Matayo 24: 30-31). Umuhoro ukarishe, serpe en bronzen’imvugo yerekana ko abantu bo mw’isi bameze nk’ibiterwa biri mu murima w’Imana, ariko igihe kimwe, Uhoraho azoza kujana abihanganye bakamutegereza, hamwe n’abapfuye bapfiriye mu mwami. Nico rya jambo rivuga ngo: Aho niho ukwihangana kw’abera (aberanda) guserukira, bitondera amategeko y’Imana bakagira kwizera nka Yesu. Numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: Andika, uti: Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu mwami. Kandi Mpwemu aravuga ati Egome, ngo baruhuke imiruho yabo, kuko ibikorwa  vyabo bijana nabo bibaherekeje (Ivyahishuwe 14: 12-13). Intumwa Paulo aratwigisha ko turi umurima w’imana muri aya majambo ngo: Muri indimiro y’Imana (1Abakorinto 3: 9).  

Usomye neza, usanga umumumarayika wa mbere, ari we Yesu, afise umuhoro wo gusarura ivyimburwa vyumye, bishobora kuzokoranira mu kigega. Kuko handitswe ngo: Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n’ijwi rirenga, abwira uvyagiye kuri ico gicu, ati: N’urungike umuhoro wawe, wimbure, kukw’iyimbura rishitse, kandi ivyimburwa vyo mw’isi vyumye (Ivyahishuwe 14: 15). Birumvikana ko ibi vyimburwa bivuzwe atari imizabibu, kuko buriya imizabubu imeze nk’ibitoke, iyo yahiye iba ikenewe kuganwa (kwengwa), bakayinywa umutobe, naho kuyishira mu kigega ntibibaho… Har’uwokwimbura imihwi (imineke) mu kigega? bayishira mu bwato (mu muvure) bakayigana (bakayenga), kugirango uwateye (uwahinze) igitoke kibashe kumumara inyota…

Dukurikije ivyo tumaze kuvuga, turahiriwe ni twakoranirizwa mu kigega c’Imana, tukazohimbara Imana ibihe vyose. Urutaro (intara) rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, kandi azokubura imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega (Matayo 3: 12). Reka tuvuge ivy’ukuntu umumarayika ava mu rusengero: Burya mu rusengero rwo mw’ijuru, niho habitswe isandugu irimwo ya mategeko y’Imana, yitwa Ibishingantahe (Ibihamya), ariyo mategeko nyene abonekamwo ya sabato twirigwa turaharirako (turajahw’impaka), ariyo Imana yita ikimenyetso cayo. Itegeko rya Dimanche nta riboneka mu rusengero rwo mw’ijuru. Yohana yavyeretswe gurtya:  Hanyuma y’ivyo mbona huguruka urusengero rw’ihema ry’Ibishingantahe wo mw’ijuru (Ivyahishuwe 15: 5). Umwami Dawidi nawe yeretswe ko ivyo bishingantahe arivyo bizokurikizwa mu rubanza, amategeko yatanzwe n’abanyamadini ntazovugwa: Kuko guca imanza kuzosubira ku kugororoka, kandi abafise imitima itunganye bose nikwo bazokwurikira (Zaburi 94: 15). Mu yandi majambo’ urubanza ruzocibwa rukurikije ubugororotsi bw’Imana, kandi abakiranutsi (canke intungane), ni zo zizorwemera. Muri Bibliya y’igifransa, uwu murongo uvuga ngo: Car le jugement sera conforme à  la justice, et tous ceux  qui ont le coeur droit l’approuveront (Psaume 94: 15). Birumvikana ko abadatunganye bazopfana imyidogo (ukwitotomba), kuko bazoba bishimiye ukundi kugororoka (gukiranuka) kuva ku bantu kudafise umumaro. Kuva mu rusengero rero, n’ukuvugako imanza zoze zizoba zasuzumwe vyarangiye, umuntu wese akaba araririye guhabwa ibihembo vyiwe.

Ngirango mwabonyeko, uwu yicaye ku gicu, yavugana n’undi mumarayika avuye mu rusengero. Noneho, ubu  tugiye kuraba ivy’umumarayika wundi ava mu rusengero, , nawe nyene afise umuhoro ukarishe (Ivyahishuwe 14: 17). Ni murabe na none ukuntu iyi mihoro bavuga ko ikarishe (irtyaye). Bisobanura ukuntu umurimo w’Imana uzoba ukoranwa ububangutsi kuri uwo musi, uzokorwa n’Uhoraho ubwiwe. Paulo ati: Ehe ndababwire akabanga, ntituzosinzira (ntituzapfa) twese, ariko twese tuzohindurwa; mu kanya gato, mu kanya nkako kugubita ingohe, ahi inzamba y’iherezo izovugira. Kukw’inzamba izovuga, abapfuye bakazurwa batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa (1Abakorinto 15: 51-52).

Iyi mihoro n’ibiri, nta wagatatu uriho. N’ukuvuga ngo: Uzoba uri mu Bwami bw’ijuru, canke Ntuzobujamwo. Purgatori ntayizobaho, nta niyibaho, nta niyigeze kubaho. Twasomye ngo: Umumarayika wundi ava ku gicaniro, niwe aganza umuriro, asemerera n’ijwi rirenga , abarira ufise umuhoro ukarishe ati: Rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w’isi, kukw’inzabibu zawo zirungurije (Ivyahishuwe 14: 18). Niwe aganza umuriro. Ibuka ko amasengesho y’aberanda azoba arangije guca ku gicaniro c’Imana, na Kristu azoba yarangije kudusengera. Tuzoba dutegereje gutaha i wacu (soma Ivyahishuwe 8: 3-5). Uwu muhoro w’uwu mumarayika nawo werekana ukuntu abanyavyaha bazotikizwa mu kanya isase (mu kanya gato). Kuvuga ko inzabibu z’umuzabibu w’isi zirungurije, bisobanura ko ivyaha vy’isi bigiye kugera ku rugero rutarengwa, urwo Imana atazoba ikibasha kwihanganira. Ahandi, mu gitabo c’Imana nyene, turasoma ngo: Ni muze mugane (mwenge), kuko ubwato bwuzuye, kandi amato akaba abogaboga; kuko ibibi vyabo ari vyinshi (Yoweli 3: 13). N’iki gitumye impuzu zawe (imyenda yawe) ziba agatuku (zitukura), n’imyambaro yawe igasa n’iy’uwuganisha (uwenga vino) vino mu bwato? Niganishije (nenze mu muvure) mu bwato nd’umwe, mu bantu bo mu mahanga yose nta n’umwe twari kumwe, n’ukuri nabaganishije ibirenge mu burake bwanje (nabakanyagishije ibirenge mu burakari bwanjye), mbanyukuza ubushangashirwe bwanje, kandi amaraso yabo yatarukiye ku myambaro yanje, impuzu zanje zirayoberana. Kuko nari nashize mu mutima wanje umusi wo kwihora, kand’umwaka wo gucungura abantu banje urashitse.  Nanyukuje amahanga ubushangashirwe bwanje, mpondoganiriza amaraso yabo kw’isi (Yesaya 63: 2-4, 6)). Kwa kugana (kwenga) inzabibu zo ku muzabibu w’isi kuko zirungurije, nguko rero turakwumvise.

Umurongo urangiza wavugango: Ubwo bwato buganishirizwamwo ibirenge inyuma ya ca gisagara, amaraso ava mu bwato, ashitsa stadiyo igihumbi n’amajana atandatu, agera ku mijiginya y’amafarasi (Ivyahishuwe 14: 20).  Agera ku mijiginya y’amafarsi: N’ukuvuga ukuntu amaraso azoba abogaboga mw’isi, kugeza nko mw’izosi ry’ifarasi igeze kuja ku rugamba. Stadiyo 1600, zingana hafi ibilometero 300. Erega ibi birerekana neza ko abanyavyaha bazoba ari beeeenshi, badashobora guharurwa (batabarika). Bazotikirizwa inyuma yaca gisagara. Ico gisagara kivugwa ni Yerusaremu ho mw’ijuru. Kuko nta munyavyaha azokigeramwo. Kandi hazobayo ubwiza n’icubahiro vy’amahanga. Kandi kuri wo (umurwa wa Yerusaremu wo mw’ijuru) ntaho hazogera ikintu gihumanya, canke uwukora ibizira akabesha, atar’abanditswe mu gitabo ca wa Mwagazi w’Intama. Inyuma hazoba imbwa n’abarozi, n’abasambanyi n’abicanyi, n’abaseng’ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora (Ivyahishuwe 21: 27, 22: 15)

Ikibabaje muri ivyo, n’uko umunyavyaha aburirwa, atari barya twita abapagani, batemera agakiza kava muri Kristu. Oyaye, umunyavyaha azokanyarwa mu bwato bw’Umwana w’umuntu, ni wewe na jewe twiyita abakristu, tukaba tudakurikiza amabwirizwa ya Data nka Yesu (Yohana 15:10). Mpuriye hehe no gucira urubanza abo hanze… Abo hanze Imana ni yo izobacira urubanza (1Abakorinto 5: 12-13). Nyen’inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangira gukomanga muhagaze hanze, mukavuga muti: Nyakwubahwa, n’utwugururire, niho azobishura ati: Simbazi, sinzi n’iyo muvuye. Niho muzotangura kuvuga muti: Erega twahora dusangira, tunywana, kandi wahora wigishiriza mu nzira z’i wacu. Azobabwira ati, Nababwiye ko ntazi iyo muvuye, ni mumve imbere, mwa nkozi z’ibibi mwe! Aho niho hazoba amarira no gukomanya amenyo, aho muzobonera Aburahamu na Izahaki (Isaka) na Yakobo n’abahanuzi bose mu bgami bw’Imana, namwe mugatabwa hanze. Hazoza abava mu Buseruko no mu Burengero bw’izuba, bazokwicara mu Bwami bw’Imana. kandi har’ ab’inyuma bazoba ab’imbere, n’ab’imbere bazoba ab’inyuma (Luka 13: 25-30).

Uhoraho rero akugirire neza, aguhe kumukunda no kumukundisha mu bandi, kandi aguhe no kumugamburukira mu vyo agusaba vyose, kuko uko ibihe bikomeza kurangira, niko umubiri wacu ukomeza kudusaba ivyankwa n’Imana, abo tugendana, ababanyi bacu, abategetsi bacu, incuti n’abagenzi, nabo ntibatworoheye. Imico kama y’ibihugu vyacu, nayo nyene haraho usanga idahuje n’ibihimbara Data wo mw’ijuru. N’uko bene Data, ndabahanura kubw’imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi. ntimwishushanye n’ivy’iki gihe, yamara muhindike rwose, mugize imitima misha, kugirango mumenye neza ivy’Imana igomba, nivyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose (Abaroma 12: 1-2)

Muragwane urugamba neza mutsinde, mw’izina ryera rya Yesu Amen.

Publié dans : ||le 2 juillet, 2010 |Pas de Commentaires »

Laisser un commentaire

Centre du Plein Evangile "L... |
For This Cause |
MON SAUVEUR M'AIME |
Unblog.fr | Créer un blog | Annuaire | Signaler un abus | piccole note di un cammino ...
| مع ا ...
| Blog du niveau intermédiaire